يَـٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ إِذَا نَٰجَيۡتُمُ ٱلرَّسُولَ فَقَدِّمُواْ بَيۡنَ يَدَيۡ نَجۡوَىٰكُمۡ صَدَقَةٗۚ ذَٰلِكَ خَيۡرٞ لَّكُمۡ وَأَطۡهَرُۚ فَإِن لَّمۡ تَجِدُواْ فَإِنَّ ٱللَّهَ غَفُورٞ رَّحِيمٌ ﴿12﴾يَـٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ إِذَا نَٰجَيۡتُمُ ٱلرَّسُولَ فَقَدِّمُواْ بَيۡنَ يَدَيۡ نَجۡوَىٰكُمۡ صَدَقَةٗۚ ذَٰلِكَ خَيۡرٞ لَّكُمۡ وَأَطۡهَرُۚ فَإِن لَّمۡ تَجِدُواْ فَإِنَّ ٱللَّهَ غَفُورٞ رَّحِيمٌ
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Igihe mushatse kuganira n’Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), mutegetswe gutanga imperezwa imbere yuko muganira; ivyo, harimwo ineza no kwiyeza kuri mwebwe. Nimutaronka ico mutanga naho, nta co bitwaye; mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenimbabazi-ntangere, Igumiriza akabanga abigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
ءَأَشۡفَقۡتُمۡ أَن تُقَدِّمُواْ بَيۡنَ يَدَيۡ نَجۡوَىٰكُمۡ صَدَقَٰتٖۚ فَإِذۡ لَمۡ تَفۡعَلُواْ وَتَابَ ٱللَّهُ عَلَيۡكُمۡ فَأَقِيمُواْ ٱلصَّلَوٰةَ وَءَاتُواْ ٱلزَّكَوٰةَ وَأَطِيعُواْ ٱللَّهَ وَرَسُولَهُۥۚ وَٱللَّهُ خَبِيرُۢ بِمَا تَعۡمَلُونَ ﴿13﴾ءَأَشۡفَقۡتُمۡ أَن تُقَدِّمُواْ بَيۡنَ يَدَيۡ نَجۡوَىٰكُمۡ صَدَقَٰتٖۚ فَإِذۡ لَمۡ تَفۡعَلُواْ وَتَابَ ٱللَّهُ عَلَيۡكُمۡ فَأَقِيمُواْ ٱلصَّلَوٰةَ وَءَاتُواْ ٱلزَّكَوٰةَ وَأَطِيعُواْ ٱللَّهَ وَرَسُولَهُۥۚ وَٱللَّهُ خَبِيرُۢ بِمَا تَعۡمَلُونَ
Mbega none, mwagize impungenge zo gutinya ko mwokena, mu gihe mwotanga imperezwa imbere yuko muganira n'Intumwa y'Imana! Mu gihe mutobikora kuko bibagoye, Imana Allah na Yo Igaheza Ikabababarira, maze Ikaborohereza mu guhagarika iryo bwirizwa, muraheza mutsimbataze amasengesho-bwirizwa ku mwanya, munatange n’ishikanwa-bwirizwa, mwongere mwumvire Imana Allah n’Intumwa yayo. Burya Imana Allah, ni Yo Muhetuziwavyose, Irazi neza ivyo mukora, kandi Izobibahembera.
أَلَمۡ تَرَ إِلَى ٱلَّذِينَ تَوَلَّوۡاْ قَوۡمًا غَضِبَ ٱللَّهُ عَلَيۡهِم مَّا هُم مِّنكُمۡ وَلَا مِنۡهُمۡ وَيَحۡلِفُونَ عَلَى ٱلۡكَذِبِ وَهُمۡ يَعۡلَمُونَ ﴿14﴾۞أَلَمۡ تَرَ إِلَى ٱلَّذِينَ تَوَلَّوۡاْ قَوۡمًا غَضِبَ ٱللَّهُ عَلَيۡهِم مَّا هُم مِّنكُمۡ وَلَا مِنۡهُمۡ وَيَحۡلِفُونَ عَلَى ٱلۡكَذِبِ وَهُمۡ يَعۡلَمُونَ
Ntumwa y'Imana! Mbega, ntiwabonye indyarya zicuditse n’abayahudi bashavuriwe n’Imana Allah! Izo ndyarya ntiziharurwa muri mwebwe, eka ntizinaharurwa no mu bayahudi, zirarahira zikarengwa, zibesha ko ziri abislamu, n'uko wewe uri Intumwa y'Imana, kandi zizi neza ko zibesha.
أَعَدَّ ٱللَّهُ لَهُمۡ عَذَابٗا شَدِيدًاۖ إِنَّهُمۡ سَآءَ مَا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ ﴿15﴾أَعَدَّ ٱللَّهُ لَهُمۡ عَذَابٗا شَدِيدًاۖ إِنَّهُمۡ سَآءَ مَا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ
Imana Allah, Yaraziteguriye ibihano ruhasha. Mu vy’ukuri indyarya, zamye zikora bibi cane.
ٱتَّخَذُوٓاْ أَيۡمَٰنَهُمۡ جُنَّةٗ فَصَدُّواْ عَن سَبِيلِ ٱللَّهِ فَلَهُمۡ عَذَابٞ مُّهِينٞ ﴿16﴾ٱتَّخَذُوٓاْ أَيۡمَٰنَهُمۡ جُنَّةٗ فَصَدُّواْ عَن سَبِيلِ ٱللَّهِ فَلَهُمۡ عَذَابٞ مُّهِينٞ
Zagize indahiro zazo z’ikinyoma (ko zicisha bugufi, zemera) kuba inkinzo izikingira guhanwa, maze ziburagiza abantu kwinjira mu bwislamu. Kubera ivyo rero, zirategekanirijwe ibihano bisuzuguza.
لَّن تُغۡنِيَ عَنۡهُمۡ أَمۡوَٰلُهُمۡ وَلَآ أَوۡلَٰدُهُم مِّنَ ٱللَّهِ شَيۡـًٔاۚ أُوْلَـٰٓئِكَ أَصۡحَٰبُ ٱلنَّارِۖ هُمۡ فِيهَا خَٰلِدُونَ ﴿17﴾لَّن تُغۡنِيَ عَنۡهُمۡ أَمۡوَٰلُهُمۡ وَلَآ أَوۡلَٰدُهُم مِّنَ ٱللَّهِ شَيۡـًٔاۚ أُوْلَـٰٓئِكَ أَصۡحَٰبُ ٱلنَّارِۖ هُمۡ فِيهَا خَٰلِدُونَ
Amatungo yazo hamwe n’ibibondo vyazo, ntibizozibuza guhanwa n’Imana Allah. Abo barangwa n’inyifato y’uburyarya[1], ni bo bantu bo mu muriro, bazowubamwo ibihe bidahera[2].
يَوۡمَ يَبۡعَثُهُمُ ٱللَّهُ جَمِيعٗا فَيَحۡلِفُونَ لَهُۥ كَمَا يَحۡلِفُونَ لَكُمۡ وَيَحۡسَبُونَ أَنَّهُمۡ عَلَىٰ شَيۡءٍۚ أَلَآ إِنَّهُمۡ هُمُ ٱلۡكَٰذِبُونَ ﴿18﴾يَوۡمَ يَبۡعَثُهُمُ ٱللَّهُ جَمِيعٗا فَيَحۡلِفُونَ لَهُۥ كَمَا يَحۡلِفُونَ لَكُمۡ وَيَحۡسَبُونَ أَنَّهُمۡ عَلَىٰ شَيۡءٍۚ أَلَآ إِنَّهُمۡ هُمُ ٱلۡكَٰذِبُونَ
Ntumwa y'Imana! Zibutse umusi Imana Allah Yazuye indyarya zose, maze zikarahira zikarengwa (zibesha) ko zemera Imana Allah; nk’uko zahora zirahira zibesha kw’isi, zibaza ko indahiro hari ico izimarira. Bantu, nimwumve mwumvireho! Ni ukuri burya indyarya, ni zo zibesha nya kubesha.
ٱسۡتَحۡوَذَ عَلَيۡهِمُ ٱلشَّيۡطَٰنُ فَأَنسَىٰهُمۡ ذِكۡرَ ٱللَّهِۚ أُوْلَـٰٓئِكَ حِزۡبُ ٱلشَّيۡطَٰنِۚ أَلَآ إِنَّ حِزۡبَ ٱلشَّيۡطَٰنِ هُمُ ٱلۡخَٰسِرُونَ ﴿19﴾ٱسۡتَحۡوَذَ عَلَيۡهِمُ ٱلشَّيۡطَٰنُ فَأَنسَىٰهُمۡ ذِكۡرَ ٱللَّهِۚ أُوْلَـٰٓئِكَ حِزۡبُ ٱلشَّيۡطَٰنِۚ أَلَآ إِنَّ حِزۡبَ ٱلشَّيۡطَٰنِ هُمُ ٱلۡخَٰسِرُونَ
Shetani yarazigaruriye izibagiza ukwibuka n'ukwumvira Imana Allah. Indyarya, ni wo mugwi w’ingabo n’abumvira shetani. Bantu, nimwumve mwumvireho! Ni ukuri umugwi w’ingabo n’abumvira shetani, ni wo uri mu ruhombo kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
إِنَّ ٱلَّذِينَ يُحَآدُّونَ ٱللَّهَ وَرَسُولَهُۥٓ أُوْلَـٰٓئِكَ فِي ٱلۡأَذَلِّينَ ﴿20﴾إِنَّ ٱلَّذِينَ يُحَآدُّونَ ٱللَّهَ وَرَسُولَهُۥٓ أُوْلَـٰٓئِكَ فِي ٱلۡأَذَلِّينَ
Mu vy’ukuri, abarwanya Imana Allah n’Intumwa yayo (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imama Allah) mu kurenga ku mabwirizwa, abo bari mu basuzuguritse cane kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
كَتَبَ ٱللَّهُ لَأَغۡلِبَنَّ أَنَا۠ وَرُسُلِيٓۚ إِنَّ ٱللَّهَ قَوِيٌّ عَزِيزٞ ﴿21﴾كَتَبَ ٱللَّهُ لَأَغۡلِبَنَّ أَنَا۠ وَرُسُلِيٓۚ إِنَّ ٱللَّهَ قَوِيٌّ عَزِيزٞ
Imana Allah, Yaramaze guca iteka, Iti: “Ni ukuri, Nzotsinda Jewe Allah hamwe n’Intumwa zanje”. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Nyeninguvu, Nyenintsinzi-Mutaneshwa.