16:1أَتَىٰٓ أَمۡرُ ٱللَّهِ فَلَا تَسۡتَعۡجِلُوهُۚ سُبۡحَٰنَهُۥ وَتَعَٰلَىٰ عَمَّا يُشۡرِكُونَ ﴿1﴾أَتَىٰٓ أَمۡرُ ٱللَّهِ فَلَا تَسۡتَعۡجِلُوهُۚ سُبۡحَٰنَهُۥ وَتَعَٰلَىٰ عَمَّا يُشۡرِكُونَ
Transliteration: Ata amru Allahi fala tastaAAjiloohu subhanahu wataAAala AAamma yushrikoona
Translation: Bagarariji! Umuhero w’isi vuba bwango urashika nta gisivya, kugira muhanirwe ivyo mwakoze, ntimurinde kwihuta mu gutebura musaba ko mwohanwa. Nihaninahazwe Imana Allah Yongere Ihabwe n’icubahiro nta ngere mu buryo burengeye cane ivyo ababangikanyamana bayibangikanya.
16:2يُنَزِّلُ ٱلۡمَلَـٰٓئِكَةَ بِٱلرُّوحِ مِنۡ أَمۡرِهِۦ عَلَىٰ مَن يَشَآءُ مِنۡ عِبَادِهِۦٓ أَنۡ أَنذِرُوٓاْ أَنَّهُۥ لَآ إِلَٰهَ إِلَّآ أَنَا۠ فَٱتَّقُونِ ﴿2﴾يُنَزِّلُ ٱلۡمَلَـٰٓئِكَةَ بِٱلرُّوحِ مِنۡ أَمۡرِهِۦ عَلَىٰ مَن يَشَآءُ مِنۡ عِبَادِهِۦٓ أَنۡ أَنذِرُوٓاْ أَنَّهُۥ لَآ إِلَٰهَ إِلَّآ أَنَا۠ فَٱتَّقُونِ
Transliteration: Yunazzilu almalaikata bialrroohi min amrihi AAala man yashao min AAibadihi an anthiroo annahu la ilaha illa ana faittaqooni
Translation: Imana Allah, Imanura abamalayika kw’itegeko ryayo, baje guhishurira uwo Ishatse mu baja bayo mu Ntumwa, maze bagahishurira nya Ntumwa bati: “Nimugabishe abantu ku bihano vyanje Jewe Allah mu gihe bombangikanya, kuko nta mana ibwirijwe gusengwa vy’ukuri, atari Jewe Allah. Kubera ivyo rero, nimungamburukire mu kwubahiriza amabwirizwa yanje”.
16:3خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ بِٱلۡحَقِّۚ تَعَٰلَىٰ عَمَّا يُشۡرِكُونَ ﴿3﴾خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ بِٱلۡحَقِّۚ تَعَٰلَىٰ عَمَّا يُشۡرِكُونَ
Transliteration: Khalaqa alssamawati waalarda bialhaqqi taAAala AAamma yushrikoona
Translation: Imana Allah Yaremye amajuru n’isi mu kuri, kugira mumenye ko hariho Imana Rurema Allah, muheze muyisenge ari Imwe Rudende, Imana Allah nihabwe icubahiro nta ngere mu buryo burengeye cane ivyo ababangikanyamana bayibangikanya.
16:4خَلَقَ ٱلۡإِنسَٰنَ مِن نُّطۡفَةٖ فَإِذَا هُوَ خَصِيمٞ مُّبِينٞ ﴿4﴾خَلَقَ ٱلۡإِنسَٰنَ مِن نُّطۡفَةٖ فَإِذَا هُوَ خَصِيمٞ مُّبِينٞ
Transliteration: Khalaqa alinsana min nutfatin faitha huwa khaseemun mubeenun
Translation: Yaremye umuntu mw’ima ry’intanga zigayitse; amaze gukura acika umwansi ruhebwa, maze aragarariza yivuye inyuma mu guhakana ko ata zuka ry’ibiremwa ribaho;
16:5وَٱلۡأَنۡعَٰمَ خَلَقَهَاۖ لَكُمۡ فِيهَا دِفۡءٞ وَمَنَٰفِعُ وَمِنۡهَا تَأۡكُلُونَ ﴿5﴾وَٱلۡأَنۡعَٰمَ خَلَقَهَاۖ لَكُمۡ فِيهَا دِفۡءٞ وَمَنَٰفِعُ وَمِنۡهَا تَأۡكُلُونَ
Transliteration: WaalanAAama khalaqaha lakum feeha difon wamanafiAAu waminha takuloona
Translation: N’ibitungwa [331] Yabiremeye mwebwe abantu, Iraheza Ibaha gususurutswa n’ubwoya bwavyo, Ibaha no kwikora ku mata n’insato zavyo, Ibashoboza no kwiyunguruza kuri nya bitungwa; muri vyo harimwo n’ivyo mufungura;
16:6وَلَكُمۡ فِيهَا جَمَالٌ حِينَ تُرِيحُونَ وَحِينَ تَسۡرَحُونَ ﴿6﴾وَلَكُمۡ فِيهَا جَمَالٌ حِينَ تُرِيحُونَ وَحِينَ تَسۡرَحُونَ
Transliteration: Walakum feeha jamalun heena tureehoona waheena tasrahoona
Translation: Harimwo no kuberwa kuri mwebwe gutuma mugira akamwemwe, igihe mubicuye ku mugoroba n’igihe mubiturukije mu gitondo;
16:7وَتَحۡمِلُ أَثۡقَالَكُمۡ إِلَىٰ بَلَدٖ لَّمۡ تَكُونُواْ بَٰلِغِيهِ إِلَّا بِشِقِّ ٱلۡأَنفُسِۚ إِنَّ رَبَّكُمۡ لَرَءُوفٞ رَّحِيمٞ ﴿7﴾وَتَحۡمِلُ أَثۡقَالَكُمۡ إِلَىٰ بَلَدٖ لَّمۡ تَكُونُواْ بَٰلِغِيهِ إِلَّا بِشِقِّ ٱلۡأَنفُسِۚ إِنَّ رَبَّكُمۡ لَرَءُوفٞ رَّحِيمٞ
Transliteration: Watahmilu athqalakum ila baladin lam takoonoo baligheehi illa bishiqqi alanfusi inna rabbakum laraoofun raheemun
Translation: Biranabungururiza imizigo yanyu bikayishikana mu gihugu ca kure, mutoshoboye kubishikanayo mutabanje kuruha, mugacumukura. Mu vy’ukuri Imana yanyu Rurema Allah, ni Nyenikigongwe mu kubatunganiriza ivyankenerwa mu buzima, Nyenimbabazi ku batoni bayo;
16:8وَٱلۡخَيۡلَ وَٱلۡبِغَالَ وَٱلۡحَمِيرَ لِتَرۡكَبُوهَا وَزِينَةٗۚ وَيَخۡلُقُ مَا لَا تَعۡلَمُونَ ﴿8﴾وَٱلۡخَيۡلَ وَٱلۡبِغَالَ وَٱلۡحَمِيرَ لِتَرۡكَبُوهَا وَزِينَةٗۚ وَيَخۡلُقُ مَا لَا تَعۡلَمُونَ
Transliteration: Waalkhayla waalbighala waalhameera litarkabooha wazeenatan wayakhluqu ma la taAAlamoona
Translation: Yabaremeye n’ifarasi n'ibivyarwa n’ifarasi hamwe n’indogobwe, Ibaremera n’indogobwe nyene kugira muvyikoreko mu kwiyunguruza no mu gushaza mukaberwa mu gihe muri kuri vyo; Iranabaremera n’ibindi mutazi mwokwikorako mu kwiyunguruza, kugira muyemere muyishimire;
16:9وَعَلَى ٱللَّهِ قَصۡدُ ٱلسَّبِيلِ وَمِنۡهَا جَآئِرٞۚ وَلَوۡ شَآءَ لَهَدَىٰكُمۡ أَجۡمَعِينَ ﴿9﴾وَعَلَى ٱللَّهِ قَصۡدُ ٱلسَّبِيلِ وَمِنۡهَا جَآئِرٞۚ وَلَوۡ شَآءَ لَهَدَىٰكُمۡ أَجۡمَعِينَ
Transliteration: WaAAala Allahi qasdu alssabeeli waminha jairun walaw shaa lahadakum ajmaAAeena
Translation: Imana Allah Ijejwe kubatomorera inzira yayo y’ubwislamu igororotse. Hambavu y’ivyo, hari n’izindi nzira ziciye kubiri n’ubwislamu, zihubisha [332]. Iyo rero Imana Allah Ibishaka, Yari kubarongora mwese mu nzira yayo;
16:10هُوَ ٱلَّذِيٓ أَنزَلَ مِنَ ٱلسَّمَآءِ مَآءٗۖ لَّكُم مِّنۡهُ شَرَابٞ وَمِنۡهُ شَجَرٞ فِيهِ تُسِيمُونَ ﴿10﴾هُوَ ٱلَّذِيٓ أَنزَلَ مِنَ ٱلسَّمَآءِ مَآءٗۖ لَّكُم مِّنۡهُ شَرَابٞ وَمِنۡهُ شَجَرٞ فِيهِ تُسِيمُونَ
Transliteration: Huwa allathee anzala mina alssamai maan lakum minhu sharabun waminhu shajarun feehi tuseemoona
Translation: Ni Yo Yatumye hagwa imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, Iraheza Ibaronsa n’amazi mwikorako mu kunywa no mu kuvomera ibiti n’ubwatsi mwahirira ibitungwa vyanyu, mugaheza mukavyikorako mu buzima bwa misi yose;
16:11يُنۢبِتُ لَكُم بِهِ ٱلزَّرۡعَ وَٱلزَّيۡتُونَ وَٱلنَّخِيلَ وَٱلۡأَعۡنَٰبَ وَمِن كُلِّ ٱلثَّمَرَٰتِۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةٗ لِّقَوۡمٖ يَتَفَكَّرُونَ ﴿11﴾يُنۢبِتُ لَكُم بِهِ ٱلزَّرۡعَ وَٱلزَّيۡتُونَ وَٱلنَّخِيلَ وَٱلۡأَعۡنَٰبَ وَمِن كُلِّ ٱلثَّمَرَٰتِۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةٗ لِّقَوۡمٖ يَتَفَكَّرُونَ
Transliteration: Yunbitu lakum bihi alzzarAAa waalzzaytoona waalnnakheela waalaAAnaba wamin kulli alththamarati inna fee thalika laayatan liqawmin yatafakkaroona
Translation: Hakoreshejwe nya mazi y’imvura nyene, Imana Allah Iraheza Ikabamereshereza n’ibiterwa bitandukanye, imizayituni, itende n’imizabibu; hamwe rero n’ivyamwa n’imboga vy’ubwoko bwose. Muri iryo meresha ry’ivyo vyose rero, ni ukuri harimwo icemezo kigaragara cotuma abantu biyumvira, bikebuka bagatahura ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah.
16:12وَسَخَّرَ لَكُمُ ٱلَّيۡلَ وَٱلنَّهَارَ وَٱلشَّمۡسَ وَٱلۡقَمَرَۖ وَٱلنُّجُومُ مُسَخَّرَٰتُۢ بِأَمۡرِهِۦٓۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٖ لِّقَوۡمٖ يَعۡقِلُونَ ﴿12﴾وَسَخَّرَ لَكُمُ ٱلَّيۡلَ وَٱلنَّهَارَ وَٱلشَّمۡسَ وَٱلۡقَمَرَۖ وَٱلنُّجُومُ مُسَخَّرَٰتُۢ بِأَمۡرِهِۦٓۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٖ لِّقَوۡمٖ يَعۡقِلُونَ
Transliteration: Wasakhkhara lakumu allayla waalnnahara waalshshamsa waalqamara waalnnujoomu musakhkharatun biamrihi inna fee thalika laayatin liqawmin yaAAqiloona
Translation: Yaranabagiriye ijoro riba umwanya mwiza wo kuruhuka; umurango na wo uba umwanya mwiza wo kurondera icorirenza; Ibaremera n’izuba kugira ribamurikire ku murango, mwongere murimenyereko umwanya n’imisi; Ibaremera n’ukwezi kugira kubahe umuco mw’ijoro, mwongere mukumenyereko ibihe vy’agatasi n’ici, hamwe n’imyaka, n’ibindi. Inyenyeri zimanye mu kirere, na zo zaremwe kw’itegeko ryayo, kugira muzimenyereko ubutumbero bw’ahantu mw’ijoro ry’umuzimagiza, n’ibindi. Mw’irema ry’ivyo vyose rero, ni ukuri harimwo ivyemezo bigaragara vyotuma abantu b’ababanyabwenge banyurwa bakagamburukira Imana Allah.
16:13وَمَا ذَرَأَ لَكُمۡ فِي ٱلۡأَرۡضِ مُخۡتَلِفًا أَلۡوَٰنُهُۥٓۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةٗ لِّقَوۡمٖ يَذَّكَّرُونَ ﴿13﴾وَمَا ذَرَأَ لَكُمۡ فِي ٱلۡأَرۡضِ مُخۡتَلِفًا أَلۡوَٰنُهُۥٓۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةٗ لِّقَوۡمٖ يَذَّكَّرُونَ
Transliteration: Wama tharaa lakum fee alardi mukhtalifan alwanuhu inna fee thalika laayatan liqawmin yaththakkaroona
Translation: Yaranabaremeye mw’isi ibinyabuzima bigendagenda hamwe n’ubutare, n’ibindi bintu ngirakamaro bifise amabara atandukanye, biri mu nda y’isi. Mw’irema ry’ivyo vyose rero, mu butandukane bw’amabara yavyo n’akamaro kavyo, ni ukuri harimwo icemezo kigaragara, cotuma abantu bibuka bagasenga Imana Imwe Rudende Allah batayibangikanya.
16:14وَهُوَ ٱلَّذِي سَخَّرَ ٱلۡبَحۡرَ لِتَأۡكُلُواْ مِنۡهُ لَحۡمٗا طَرِيّٗا وَتَسۡتَخۡرِجُواْ مِنۡهُ حِلۡيَةٗ تَلۡبَسُونَهَاۖ وَتَرَى ٱلۡفُلۡكَ مَوَاخِرَ فِيهِ وَلِتَبۡتَغُواْ مِن فَضۡلِهِۦ وَلَعَلَّكُمۡ تَشۡكُرُونَ ﴿14﴾وَهُوَ ٱلَّذِي سَخَّرَ ٱلۡبَحۡرَ لِتَأۡكُلُواْ مِنۡهُ لَحۡمٗا طَرِيّٗا وَتَسۡتَخۡرِجُواْ مِنۡهُ حِلۡيَةٗ تَلۡبَسُونَهَاۖ وَتَرَى ٱلۡفُلۡكَ مَوَاخِرَ فِيهِ وَلِتَبۡتَغُواْ مِن فَضۡلِهِۦ وَلَعَلَّكُمۡ تَشۡكُرُونَ
Transliteration: Wahuwa allathee sakhkhara albahra litakuloo minhu lahman tariyyan watastakhrijoo minhu hilyatan talbasoonaha watara alfulka mawakhira feehi walitabtaghoo min fadlihi walaAAallakum tashkuroona
Translation: Ni na Yo Yabaremeye ibahari kugira murye ifi murovyemwo zifise inyama yoroshe, mwongere mucukure muri nya bahari ibikoresho muhinguramwo ibisharizo mwambara[333]. Muzobona n’ubwato amahanga bubunguruza bugendera ku mazi muri nya bahari, kugira murondere icobabeshaho mu ruja n’uruza rw’urudandazwa ruca muri yo; ivyo vyose rero, Imana Allah Ikaba Yabibaremeye kugira muyishimire ku nema zayo, muheze muyisenge ari Imwe Rudende mutayibangikanya.
16:15وَأَلۡقَىٰ فِي ٱلۡأَرۡضِ رَوَٰسِيَ أَن تَمِيدَ بِكُمۡ وَأَنۡهَٰرٗا وَسُبُلٗا لَّعَلَّكُمۡ تَهۡتَدُونَ ﴿15﴾وَأَلۡقَىٰ فِي ٱلۡأَرۡضِ رَوَٰسِيَ أَن تَمِيدَ بِكُمۡ وَأَنۡهَٰرٗا وَسُبُلٗا لَّعَلَّكُمۡ تَهۡتَدُونَ
Transliteration: Waalqa fee alardi rawasiya an tameeda bikum waanharan wasubulan laAAallakum tahtadoona
Translation: Yarashinze n’imisozi mw’isi kugira iyigumye, ntibazungagize; Ibashiriraho n’inzuzi mwikorako, Ibacira n’inzira mucamwo kugira ntimuzimire inzira ibashikana aho mwipfuza kuja;
16:16وَعَلَٰمَٰتٖۚ وَبِٱلنَّجۡمِ هُمۡ يَهۡتَدُونَ ﴿16﴾وَعَلَٰمَٰتٖۚ وَبِٱلنَّجۡمِ هُمۡ يَهۡتَدُونَ
Transliteration: WaAAalamatin wabialnnajmi hum yahtadoona
Translation: Yabashiriyeho n’ibimenyetso bibazimurura ku murango; mw’ijoro naho, inyenyeri zikabazimurura.
16:17أَفَمَن يَخۡلُقُ كَمَن لَّا يَخۡلُقُۚ أَفَلَا تَذَكَّرُونَ ﴿17﴾أَفَمَن يَخۡلُقُ كَمَن لَّا يَخۡلُقُۚ أَفَلَا تَذَكَّرُونَ
Transliteration: Afaman yakhluqu kaman la yakhluqu afala tathakkaroona
Translation: Mbega none, Imana Allah Ishoboye kurema ivyo vyose, ni Yo mubangikanya n’ibigirwamana bidashoboye kurema na kimwe! Ubwo ntimwokwibuka icubahiro c’Imana Allah, mugaheza mukayisenga ari Imwe Rudende!
16:18وَإِن تَعُدُّواْ نِعۡمَةَ ٱللَّهِ لَا تُحۡصُوهَآۗ إِنَّ ٱللَّهَ لَغَفُورٞ رَّحِيمٞ ﴿18﴾وَإِن تَعُدُّواْ نِعۡمَةَ ٱللَّهِ لَا تُحۡصُوهَآۗ إِنَّ ٱللَّهَ لَغَفُورٞ رَّحِيمٞ
Transliteration: Wain taAAuddoo niAAmata Allahi la tuhsooha inna Allaha laghafoorun raheemun
Translation: Mu gihe rero mwodondagura ido n’ido inema z’Imana Allah, ntimwogenda mushoboye kuziharura ngo muheze muronke ingene mwoyishimira kuri nya nema. Ni ukuri Imana Allah, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
16:19وَٱللَّهُ يَعۡلَمُ مَا تُسِرُّونَ وَمَا تُعۡلِنُونَ ﴿19﴾وَٱللَّهُ يَعۡلَمُ مَا تُسِرُّونَ وَمَا تُعۡلِنُونَ
Transliteration: WaAllahu yaAAlamu ma tusirroona wama tuAAlinoona
Translation: Burya, Imana Allah Irazi neza ivyo mukora vyose, kandi Izobibahembera, vyaba ivyo muhisha mu mishaha canke ivyo mukorera mu mpisho, hamwe n’ivyo mukorera ku mugaragaro.
16:20وَٱلَّذِينَ يَدۡعُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِ لَا يَخۡلُقُونَ شَيۡـٔٗا وَهُمۡ يُخۡلَقُونَ ﴿20﴾وَٱلَّذِينَ يَدۡعُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِ لَا يَخۡلُقُونَ شَيۡـٔٗا وَهُمۡ يُخۡلَقُونَ
Transliteration: Waallatheena yadAAoona min dooni Allahi la yakhluqoona shayan wahum yukhlaqoona
Translation: Ibigirwamana ababangikanyamana basenga mu gishingo c’Imana Allah, ntibishoboye kurema n’aho koba n’akantu inzatsa, kanatsinda na vyo nyene vyabajwe n’ababangikanyamana;
16:21أَمۡوَٰتٌ غَيۡرُ أَحۡيَآءٖۖ وَمَا يَشۡعُرُونَ أَيَّانَ يُبۡعَثُونَ ﴿21﴾أَمۡوَٰتٌ غَيۡرُ أَحۡيَآءٖۖ وَمَا يَشۡعُرُونَ أَيَّانَ يُبۡعَثُونَ
Transliteration: Amwatun ghayru ahyain wama yashAAuroona ayyana yubAAathoona
Translation: Ntivyinyagaza na gato ngo bigire ico vyimariye, eka nta n’ubuzima bifise, ntibizi n’igihe Imana Allah Izozurirako ababisenga.
16:22إِلَٰهُكُمۡ إِلَٰهٞ وَٰحِدٞۚ فَٱلَّذِينَ لَا يُؤۡمِنُونَ بِٱلۡأٓخِرَةِ قُلُوبُهُم مُّنكِرَةٞ وَهُم مُّسۡتَكۡبِرُونَ ﴿22﴾إِلَٰهُكُمۡ إِلَٰهٞ وَٰحِدٞۚ فَٱلَّذِينَ لَا يُؤۡمِنُونَ بِٱلۡأٓخِرَةِ قُلُوبُهُم مُّنكِرَةٞ وَهُم مُّسۡتَكۡبِرُونَ
Transliteration: Ilahukum ilahun wahidun faallatheena la yuminoona bialakhirati quloobuhum munkiratun wahum mustakbiroona
Translation: Imana yanyu Ibwirijwe gusengwa vy’ukuri, ni Imana Imwe Rudende Allah, burya abatemera ko hariho izuka ry’ibiremwa, imitima yabo irahakana ko hariho Imana Imwe Rudende, bakagira n’amanyama mu kutemera kuyisenga vy’ukuri ari Imwe Rudende.
16:23لَا جَرَمَ أَنَّ ٱللَّهَ يَعۡلَمُ مَا يُسِرُّونَ وَمَا يُعۡلِنُونَۚ إِنَّهُۥ لَا يُحِبُّ ٱلۡمُسۡتَكۡبِرِينَ ﴿23﴾لَا جَرَمَ أَنَّ ٱللَّهَ يَعۡلَمُ مَا يُسِرُّونَ وَمَا يُعۡلِنُونَۚ إِنَّهُۥ لَا يُحِبُّ ٱلۡمُسۡتَكۡبِرِينَ
Transliteration: La jarama anna Allaha yaAAlamu ma yusirroona wama yuAAlinoona innahu la yuhibbu almustakbireena
Translation: Ni ivy’ukuri ko Imana Allah Izi neza cane ivyo bemera bakanabigirira mu mpisho n’ivyo bagirira ku mugaragaro, kandi Izobibahembera. Mu vy’ukuri Imana Allah, ntikunda namba abagira amanyama mu kutayemera.
16:24وَإِذَا قِيلَ لَهُم مَّاذَآ أَنزَلَ رَبُّكُمۡ قَالُوٓاْ أَسَٰطِيرُ ٱلۡأَوَّلِينَ ﴿24﴾وَإِذَا قِيلَ لَهُم مَّاذَآ أَنزَلَ رَبُّكُمۡ قَالُوٓاْ أَسَٰطِيرُ ٱلۡأَوَّلِينَ
Transliteration: Waitha qeela lahum matha anzala rabbukum qaloo asateeru alawwaleena
Translation: Ababangikanyamana iyo babajijwe bati: “Mbega Imana yanyu Rurema Allah, ni ibiki Yamanuriye Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)?”. Bishura bati: “Yayimanuriye imigani n'ibitito vy’ab’aho hambere”.
16:25لِيَحۡمِلُوٓاْ أَوۡزَارَهُمۡ كَامِلَةٗ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ وَمِنۡ أَوۡزَارِ ٱلَّذِينَ يُضِلُّونَهُم بِغَيۡرِ عِلۡمٍۗ أَلَا سَآءَ مَا يَزِرُونَ ﴿25﴾لِيَحۡمِلُوٓاْ أَوۡزَارَهُمۡ كَامِلَةٗ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ وَمِنۡ أَوۡزَارِ ٱلَّذِينَ يُضِلُّونَهُم بِغَيۡرِ عِلۡمٍۗ أَلَا سَآءَ مَا يَزِرُونَ
Transliteration: Liyahmiloo awzarahum kamilatan yawma alqiyamati wamin awzari allatheena yudilloonahum bighayri AAilmin ala saa ma yaziroona
Translation: Imperuka yabo ku musi w’izuka, kuzoba ukwiremeka ivyaha vyabo vyose hiyongeyeko n’umutwaro wa bimwe mu vyaha vy’abo babeshe, bakabahubisha ku bujuju inzira y’ubwislamu. Bantu, nimwumve mwumvireho! Ni bibi cane ivyaha bazokwiremeka.
16:26قَدۡ مَكَرَ ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِمۡ فَأَتَى ٱللَّهُ بُنۡيَٰنَهُم مِّنَ ٱلۡقَوَاعِدِ فَخَرَّ عَلَيۡهِمُ ٱلسَّقۡفُ مِن فَوۡقِهِمۡ وَأَتَىٰهُمُ ٱلۡعَذَابُ مِنۡ حَيۡثُ لَا يَشۡعُرُونَ ﴿26﴾قَدۡ مَكَرَ ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِمۡ فَأَتَى ٱللَّهُ بُنۡيَٰنَهُم مِّنَ ٱلۡقَوَاعِدِ فَخَرَّ عَلَيۡهِمُ ٱلسَّقۡفُ مِن فَوۡقِهِمۡ وَأَتَىٰهُمُ ٱلۡعَذَابُ مِنۡ حَيۡثُ لَا يَشۡعُرُونَ
Transliteration: Qad makara allatheena min qablihim faata Allahu bunyanahum mina alqawaAAidi fakharra AAalayhimu alssaqfu min fawqihim waatahumu alAAathabu min haythu la yashAAuroona
Translation: Abantu bo hambere y’abo, barateze imitego Intumwa barungikiwe, maze Imana Allah Iraheza Inyiganza inyubako y’ubuhuvyi bwabo guhera ku mushinge wayo, urusenge rwayo rubasenyukirako, maze bashikirwa n’ibihano barahona mu buryo bataziga;
16:27ثُمَّ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ يُخۡزِيهِمۡ وَيَقُولُ أَيۡنَ شُرَكَآءِيَ ٱلَّذِينَ كُنتُمۡ تُشَـٰٓقُّونَ فِيهِمۡۚ قَالَ ٱلَّذِينَ أُوتُواْ ٱلۡعِلۡمَ إِنَّ ٱلۡخِزۡيَ ٱلۡيَوۡمَ وَٱلسُّوٓءَ عَلَى ٱلۡكَٰفِرِينَ ﴿27﴾ثُمَّ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ يُخۡزِيهِمۡ وَيَقُولُ أَيۡنَ شُرَكَآءِيَ ٱلَّذِينَ كُنتُمۡ تُشَـٰٓقُّونَ فِيهِمۡۚ قَالَ ٱلَّذِينَ أُوتُواْ ٱلۡعِلۡمَ إِنَّ ٱلۡخِزۡيَ ٱلۡيَوۡمَ وَٱلسُّوٓءَ عَلَى ٱلۡكَٰفِرِينَ
Transliteration: Thumma yawma alqiyamati yukhzeehim wayaqoolu ayna shurakaiya allatheena kuntum tushaqqoona feehim qala allatheena ootoo alAAilma inna alkhizya alyawma waalssooa AAala alkafireena
Translation: Hanyuma ku musi w’izuka naho, Imana Allah Izobatetereza mu kubahanisha umuriro, Ice Ibabwira Iti: “Bari hehe rero abo mwahora mumbangikanya mukabasenga, ari na bo batumye murwanya Intumwa hamwe n’abemeramana kw’isi! Nibaseruke rero, kugira babakure mu bihano”. Abahawe ubumenyi bakabugendera bazovuga bati: “Ni ukuri, uguteterezwa n’ibihano vy’uno musi, ni ku bagarariji”;
16:28ٱلَّذِينَ تَتَوَفَّىٰهُمُ ٱلۡمَلَـٰٓئِكَةُ ظَالِمِيٓ أَنفُسِهِمۡۖ فَأَلۡقَوُاْ ٱلسَّلَمَ مَا كُنَّا نَعۡمَلُ مِن سُوٓءِۭۚ بَلَىٰٓۚ إِنَّ ٱللَّهَ عَلِيمُۢ بِمَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ ﴿28﴾ٱلَّذِينَ تَتَوَفَّىٰهُمُ ٱلۡمَلَـٰٓئِكَةُ ظَالِمِيٓ أَنفُسِهِمۡۖ فَأَلۡقَوُاْ ٱلسَّلَمَ مَا كُنَّا نَعۡمَلُ مِن سُوٓءِۭۚ بَلَىٰٓۚ إِنَّ ٱللَّهَ عَلِيمُۢ بِمَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ
Transliteration: Allatheena tatawaffahumu almalaikatu thalimee anfusihim faalqawoo alssalama ma kunna naAAmalu min sooin bala inna Allaha AAaleemun bima kuntum taAAmaloona
Translation: Abakurwamwo imitima n’abamalayika bagapfa barirenganije mu guhakana, maze bagaca bugufi kuko babonye urwabo rushitse, bakihakana ibigirwamana bahora basenga, bakanavuga bati: “Nta co twigeze dukora mu bicumuro!”, bagaheza bakishurwa bati: “Mwanguha! Ahubwo mwari mwarimonogoje; mu gucumura, ni ukuri Imana Allah, Irazi neza ivyo mwakoze vyose, kandi Izobibahembera”;
16:29فَٱدۡخُلُوٓاْ أَبۡوَٰبَ جَهَنَّمَ خَٰلِدِينَ فِيهَاۖ فَلَبِئۡسَ مَثۡوَى ٱلۡمُتَكَبِّرِينَ ﴿29﴾فَٱدۡخُلُوٓاْ أَبۡوَٰبَ جَهَنَّمَ خَٰلِدِينَ فِيهَاۖ فَلَبِئۡسَ مَثۡوَى ٱلۡمُتَكَبِّرِينَ
Transliteration: Faodkhuloo abwaba jahannama khalideena feeha falabisa mathwa almutakabbireena
Translation: Kubera ivyo rero, bazobwirwa ku musi w’izuka bati: “Nimwinjire mu miryango y’umuriro wa Jahannamu, muzowubamwo ibihe bidahera”. Iryo rero, ni ryo cumbi ribi cane ry’abagira amanyama mu kutemera Imana Allah.
16:30وَقِيلَ لِلَّذِينَ ٱتَّقَوۡاْ مَاذَآ أَنزَلَ رَبُّكُمۡۚ قَالُواْ خَيۡرٗاۗ لِّلَّذِينَ أَحۡسَنُواْ فِي هَٰذِهِ ٱلدُّنۡيَا حَسَنَةٞۚ وَلَدَارُ ٱلۡأٓخِرَةِ خَيۡرٞۚ وَلَنِعۡمَ دَارُ ٱلۡمُتَّقِينَ ﴿30﴾۞وَقِيلَ لِلَّذِينَ ٱتَّقَوۡاْ مَاذَآ أَنزَلَ رَبُّكُمۡۚ قَالُواْ خَيۡرٗاۗ لِّلَّذِينَ أَحۡسَنُواْ فِي هَٰذِهِ ٱلدُّنۡيَا حَسَنَةٞۚ وَلَدَارُ ٱلۡأٓخِرَةِ خَيۡرٞۚ وَلَنِعۡمَ دَارُ ٱلۡمُتَّقِينَ
Transliteration: Waqeela lillatheena ittaqaw matha anzala rabbukum qaloo khayran lillatheena ahsanoo fee hathihi alddunya hasanatun waladaru alakhirati khayrun walaniAAma daru almuttaqeena
Translation: Nayo abagamburukiramana bagize ngo barabazwa bati: “Mbega Imana yanyu Rurema Allah, ni ibiki Yamanuriye Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)?”, bazokwishura bati: “Yayimanuriye ivyiza n’uburongozi”. Abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo kuri ino si, bakararikira n’abandi ukwemera n’ugukora ivyiza bitegetswe, baragenewe intsinzi no kuroranirwa kw’isi; mu buzima bw’inyuma yo gupfa naho, barategekanirijwe ivyiza bisumba ivyo bagenewe kw’isi. Iryo rero ni ryo cumbi ryiza cane mu buzima bw’inyuma yo gupfa ku bagamburukiramana;
16:31جَنَّـٰتُ عَدۡنٖ يَدۡخُلُونَهَا تَجۡرِي مِن تَحۡتِهَا ٱلۡأَنۡهَٰرُۖ لَهُمۡ فِيهَا مَا يَشَآءُونَۚ كَذَٰلِكَ يَجۡزِي ٱللَّهُ ٱلۡمُتَّقِينَ ﴿31﴾جَنَّـٰتُ عَدۡنٖ يَدۡخُلُونَهَا تَجۡرِي مِن تَحۡتِهَا ٱلۡأَنۡهَٰرُۖ لَهُمۡ فِيهَا مَا يَشَآءُونَۚ كَذَٰلِكَ يَجۡزِي ٱللَّهُ ٱلۡمُتَّقِينَ
Transliteration: Jannatu AAadnin yadkhuloonaha tajree min tahtiha alanharu lahum feeha ma yashaoona kathalika yajzee Allahu almuttaqeena
Translation: Imirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru rya “Adeni”, bazokwinjira muri nya Bwami babubemwo ibihe bidahera, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi; bazoronswa muri nya Bwami ivyo bipfuza vyose. Ni nk’iyo mpera rero Imana Allah, Ihemba abagamburukiramana;
16:32ٱلَّذِينَ تَتَوَفَّىٰهُمُ ٱلۡمَلَـٰٓئِكَةُ طَيِّبِينَ يَقُولُونَ سَلَٰمٌ عَلَيۡكُمُ ٱدۡخُلُواْ ٱلۡجَنَّةَ بِمَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ ﴿32﴾ٱلَّذِينَ تَتَوَفَّىٰهُمُ ٱلۡمَلَـٰٓئِكَةُ طَيِّبِينَ يَقُولُونَ سَلَٰمٌ عَلَيۡكُمُ ٱدۡخُلُواْ ٱلۡجَنَّةَ بِمَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ
Transliteration: Allatheena tatawaffahumu almalaikatu tayyibeena yaqooloona salamun AAalaykumu odkhuloo aljannata bima kuntum taAAmaloona
Translation: Abakurwamwo imitima n’abamalayika bagapfa barejejwe imitima, maze bagaca bababwira bati: “Nimugire amahoro, muragasimba imanga, nimwinjire rero mu Bwami bw’ijuru ku vyiza mwakoze mukiri kw’isi, mukemera Imana Allah mukanayumvira”.
16:33هَلۡ يَنظُرُونَ إِلَّآ أَن تَأۡتِيَهُمُ ٱلۡمَلَـٰٓئِكَةُ أَوۡ يَأۡتِيَ أَمۡرُ رَبِّكَۚ كَذَٰلِكَ فَعَلَ ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِمۡۚ وَمَا ظَلَمَهُمُ ٱللَّهُ وَلَٰكِن كَانُوٓاْ أَنفُسَهُمۡ يَظۡلِمُونَ ﴿33﴾هَلۡ يَنظُرُونَ إِلَّآ أَن تَأۡتِيَهُمُ ٱلۡمَلَـٰٓئِكَةُ أَوۡ يَأۡتِيَ أَمۡرُ رَبِّكَۚ كَذَٰلِكَ فَعَلَ ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِمۡۚ وَمَا ظَلَمَهُمُ ٱللَّهُ وَلَٰكِن كَانُوٓاْ أَنفُسَهُمۡ يَظۡلِمُونَ
Transliteration: Hal yanthuroona illa an tatiyahumu almalaikatu aw yatiya amru rabbika kathalika faAAala allatheena min qablihim wama thalamahumu Allahu walakin kanoo anfusahum yathlimoona
Translation: Burya, ababangikanyamana nta co barindiriye imbere yuko bemera, atari uko urwabo rushika bagakurwamwo imitima n’abamalayika, bagapfa bakigarariza; canke bagashikirwa n’ibihano vy’Imana Allah bikabahonya. Ni nk’ukwo nyene rero, abo hambere y’abo bagararije bagahanwa, kandi Imana Allah ntiyabarenganije namba muri ukwo guhanwa, ariko ni bo birenganije mu kugarariza;
16:34فَأَصَابَهُمۡ سَيِّـَٔاتُ مَا عَمِلُواْ وَحَاقَ بِهِم مَّا كَانُواْ بِهِۦ يَسۡتَهۡزِءُونَ ﴿34﴾فَأَصَابَهُمۡ سَيِّـَٔاتُ مَا عَمِلُواْ وَحَاقَ بِهِم مَّا كَانُواْ بِهِۦ يَسۡتَهۡزِءُونَ
Transliteration: Faasabahum sayyiatu ma AAamiloo wahaqa bihim ma kanoo bihi yastahzioona
Translation: Maze bahuganirwa n’ivyo bakoze, baca bashikirwa n’ibihano bahora bateburako ngo ntibazobihabwa;
16:35وَقَالَ ٱلَّذِينَ أَشۡرَكُواْ لَوۡ شَآءَ ٱللَّهُ مَا عَبَدۡنَا مِن دُونِهِۦ مِن شَيۡءٖ نَّحۡنُ وَلَآ ءَابَآؤُنَا وَلَا حَرَّمۡنَا مِن دُونِهِۦ مِن شَيۡءٖۚ كَذَٰلِكَ فَعَلَ ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِمۡۚ فَهَلۡ عَلَى ٱلرُّسُلِ إِلَّا ٱلۡبَلَٰغُ ٱلۡمُبِينُ ﴿35﴾وَقَالَ ٱلَّذِينَ أَشۡرَكُواْ لَوۡ شَآءَ ٱللَّهُ مَا عَبَدۡنَا مِن دُونِهِۦ مِن شَيۡءٖ نَّحۡنُ وَلَآ ءَابَآؤُنَا وَلَا حَرَّمۡنَا مِن دُونِهِۦ مِن شَيۡءٖۚ كَذَٰلِكَ فَعَلَ ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِمۡۚ فَهَلۡ عَلَى ٱلرُّسُلِ إِلَّا ٱلۡبَلَٰغُ ٱلۡمُبِينُ
Transliteration: Waqala allatheena ashrakoo law shaa Allahu ma AAabadna min doonihi min shayin nahnu wala abaona wala harramna min doonihi min shayin kathalika faAAala allatheena min qablihim fahal AAala alrrusuli illa albalaghu almubeenu
Translation: Ababangikanyamana bavuze biregura bati: “Iyo Imana Allah Ishaka ko tuyisenga ari Imwe Rudende, twebwe eka n’abavyeyi bacu, ntitwari gusenga mu gishingo cayo iyindi mana, ntitwari no kuziririza na kimwe Itigeze Iziririza”. Ni nk’ico cireguzo nyene abagarariji bo hambere y’abo bireguje babesha[334], nta n’ikindi Intumwa zarungikiwe kiretse ugushikiriza ubutumwa butomoye.
16:36وَلَقَدۡ بَعَثۡنَا فِي كُلِّ أُمَّةٖ رَّسُولًا أَنِ ٱعۡبُدُواْ ٱللَّهَ وَٱجۡتَنِبُواْ ٱلطَّـٰغُوتَۖ فَمِنۡهُم مَّنۡ هَدَى ٱللَّهُ وَمِنۡهُم مَّنۡ حَقَّتۡ عَلَيۡهِ ٱلضَّلَٰلَةُۚ فَسِيرُواْ فِي ٱلۡأَرۡضِ فَٱنظُرُواْ كَيۡفَ كَانَ عَٰقِبَةُ ٱلۡمُكَذِّبِينَ ﴿36﴾وَلَقَدۡ بَعَثۡنَا فِي كُلِّ أُمَّةٖ رَّسُولًا أَنِ ٱعۡبُدُواْ ٱللَّهَ وَٱجۡتَنِبُواْ ٱلطَّـٰغُوتَۖ فَمِنۡهُم مَّنۡ هَدَى ٱللَّهُ وَمِنۡهُم مَّنۡ حَقَّتۡ عَلَيۡهِ ٱلضَّلَٰلَةُۚ فَسِيرُواْ فِي ٱلۡأَرۡضِ فَٱنظُرُواْ كَيۡفَ كَانَ عَٰقِبَةُ ٱلۡمُكَذِّبِينَ
Transliteration: Walaqad baAAathna fee kulli ommatin rasoolan ani oAAbudoo Allaha waijtaniboo alttaghoota faminhum man hada Allahu waminhum man haqqat AAalayhi alddalalatu faseeroo fee alardi faonthuroo kayfa kana AAaqibatu almukaththibeena
Translation: Ni ukuri mu mugwi wose w’abantu, Twararungitse Intumwa ibabwiriza iti: “Nimwiyegereze Imana Allah mu vyo mukora vyose munayisenge ari Imwe Rudende, muheze muvavanure n’ibangikanyamana mu gusenga ibigirwamana vy’ubwoko bwose[335]”. Muri buri mugwi w’abantu rero, harimwo abagamburutse maze Imana Allah Irabarongora, harimwo n’ababaye ibigaba maze Imana Allah Irabareka barahuba. Kubera ivyo rero, nimugendagende kw’isi, muheze mwirabire iherezo ry’abahakanyi uko ryagenze.
16:37إِن تَحۡرِصۡ عَلَىٰ هُدَىٰهُمۡ فَإِنَّ ٱللَّهَ لَا يَهۡدِي مَن يُضِلُّۖ وَمَا لَهُم مِّن نَّـٰصِرِينَ ﴿37﴾إِن تَحۡرِصۡ عَلَىٰ هُدَىٰهُمۡ فَإِنَّ ٱللَّهَ لَا يَهۡدِي مَن يُضِلُّۖ وَمَا لَهُم مِّن نَّـٰصِرِينَ
Transliteration: In tahris AAala hudahum fainna Allaha la yahdee man yudillu wama lahum min nasireena
Translation: Ntumwa y’Imana! Niwitwararika na ntaryo kurongora ababangikanyamana, uramenya ko mu vy’ukuri Imana Allah, Itarongora uwo Yaretse kubera ubugaba bwiwe agahuba, eka n’ababangikanyamana ntibazoronka mw’isi yose uwubakingira ibihano vy’Imana Allah.
16:38وَأَقۡسَمُواْ بِٱللَّهِ جَهۡدَ أَيۡمَٰنِهِمۡ لَا يَبۡعَثُ ٱللَّهُ مَن يَمُوتُۚ بَلَىٰ وَعۡدًا عَلَيۡهِ حَقّٗا وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَ ٱلنَّاسِ لَا يَعۡلَمُونَ ﴿38﴾وَأَقۡسَمُواْ بِٱللَّهِ جَهۡدَ أَيۡمَٰنِهِمۡ لَا يَبۡعَثُ ٱللَّهُ مَن يَمُوتُۚ بَلَىٰ وَعۡدًا عَلَيۡهِ حَقّٗا وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَ ٱلنَّاسِ لَا يَعۡلَمُونَ
Transliteration: Waaqsamoo biAllahi jahda aymanihim la yabAAathu Allahu man yamootu bala waAAdan AAalayhi haqqan walakinna akthara alnnasi la yaAAlamoona
Translation: Ababangikanyamana bararahiye bararengwa kw’izina ry’Imana Allah, ko Imana Allah Idashoboye kuzura uwapfuye, yamaze no kubora. Imana Allah Yobuzwa n’iki kumuzura! Imana Allah isango Yagenye ryo kuzura ibiremwa, ni iry’ukuri, ariko abenshi mu bantu ntibabizi ngo bategere ubushobozi n'ububasha vyayo mu kuzura abapfuye.
16:39لِيُبَيِّنَ لَهُمُ ٱلَّذِي يَخۡتَلِفُونَ فِيهِ وَلِيَعۡلَمَ ٱلَّذِينَ كَفَرُوٓاْ أَنَّهُمۡ كَانُواْ كَٰذِبِينَ ﴿39﴾لِيُبَيِّنَ لَهُمُ ٱلَّذِي يَخۡتَلِفُونَ فِيهِ وَلِيَعۡلَمَ ٱلَّذِينَ كَفَرُوٓاْ أَنَّهُمۡ كَانُواْ كَٰذِبِينَ
Transliteration: Liyubayyina lahumu allathee yakhtalifoona feehi waliyaAAlama allatheena kafaroo annahum kanoo kathibeena
Translation: Imana Allah, Izozura ibiremwa vyose kugira Ivyereke ukuri kw’izuka vyahazanyeko, no kugira ngo abagararije mu guhakana izuka ry’ibiremwa, bamenye ko babeshe.
16:40إِنَّمَا قَوۡلُنَا لِشَيۡءٍ إِذَآ أَرَدۡنَٰهُ أَن نَّقُولَ لَهُۥ كُن فَيَكُونُ ﴿40﴾إِنَّمَا قَوۡلُنَا لِشَيۡءٍ إِذَآ أَرَدۡنَٰهُ أَن نَّقُولَ لَهُۥ كُن فَيَكُونُ
Transliteration: Innama qawluna lishayin itha aradnahu an naqoola lahu kun fayakoonu
Translation: Izura ry’ibiremwa rero kuri Twebwe Allah, riroroshe. Ni ukuri, iyo Dushatse ko ikintu ico ari co cose kiba, Tukibwira gusa Duti: “Ba”, kigaca kiba ubwo nyene.
16:41وَٱلَّذِينَ هَاجَرُواْ فِي ٱللَّهِ مِنۢ بَعۡدِ مَا ظُلِمُواْ لَنُبَوِّئَنَّهُمۡ فِي ٱلدُّنۡيَا حَسَنَةٗۖ وَلَأَجۡرُ ٱلۡأٓخِرَةِ أَكۡبَرُۚ لَوۡ كَانُواْ يَعۡلَمُونَ ﴿41﴾وَٱلَّذِينَ هَاجَرُواْ فِي ٱللَّهِ مِنۢ بَعۡدِ مَا ظُلِمُواْ لَنُبَوِّئَنَّهُمۡ فِي ٱلدُّنۡيَا حَسَنَةٗۖ وَلَأَجۡرُ ٱلۡأٓخِرَةِ أَكۡبَرُۚ لَوۡ كَانُواْ يَعۡلَمُونَ
Transliteration: Waallatheena hajaroo fee Allahi min baAAdi ma thulimoo lanubawwiannahum fee alddunya hasanatan walaajru alakhirati akbaru law kanoo yaAAlamoona
Translation: Abakuwe mu zabo bakimuka ku bw’Imana Allah inyuma y’aho barenganirijwe, ni ukuri Tuzobaha icumbi ryiza kw’isi, Tubategekanirije n’indishi y’Ubwami bw’ijuru mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni yo mpembo nini gusumba. Iyo rero abaretse kwimuka bamenya impembo yagenewe abimutse ku bw’Imana Allah, nta n’umwe yari gusigara inyuma;
16:42ٱلَّذِينَ صَبَرُواْ وَعَلَىٰ رَبِّهِمۡ يَتَوَكَّلُونَ ﴿42﴾ٱلَّذِينَ صَبَرُواْ وَعَلَىٰ رَبِّهِمۡ يَتَوَكَّلُونَ
Transliteration: Allatheena sabaroo waAAala rabbihim yatawakkaloona
Translation: Abimutse mu guharanira vy’ukuri idini ry’Imana Allah, ni abihanganiye kwubahiriza amabwirizwa y’Imana Allah, bakihanganira n’ivyagezwe kuri bo, bakishimikiza Imana yabo Rurema bakayizera.
16:43وَمَآ أَرۡسَلۡنَا مِن قَبۡلِكَ إِلَّا رِجَالٗا نُّوحِيٓ إِلَيۡهِمۡۖ فَسۡـَٔلُوٓاْ أَهۡلَ ٱلذِّكۡرِ إِن كُنتُمۡ لَا تَعۡلَمُونَ ﴿43﴾وَمَآ أَرۡسَلۡنَا مِن قَبۡلِكَ إِلَّا رِجَالٗا نُّوحِيٓ إِلَيۡهِمۡۖ فَسۡـَٔلُوٓاْ أَهۡلَ ٱلذِّكۡرِ إِن كُنتُمۡ لَا تَعۡلَمُونَ
Transliteration: Wama arsalna min qablika illa rijalan noohee ilayhim faisaloo ahla alththikri in kuntum la taAAlamoona
Translation: Ntumwa y’Imana! Ntitwigeze Dutuma mu bantu b’aho hambere yawe, kiretse ko Twatuma Intumwa mu bantu b’abagabo, batari mu bamalayika, Tugaheza rero Tugahishurira nya Ntumwa amabwirizwa yacu. Babangikanyamana! Nimwaba mutemera ivyo, murabaza abamenyi mu bahawe Ibitabu, bazobabwira ko Intumwa zose zarungitswe zava mu bantu b’abagabo nimwaba mutazi ko vyari ukwo[336].
16:44بِٱلۡبَيِّنَٰتِ وَٱلزُّبُرِۗ وَأَنزَلۡنَآ إِلَيۡكَ ٱلذِّكۡرَ لِتُبَيِّنَ لِلنَّاسِ مَا نُزِّلَ إِلَيۡهِمۡ وَلَعَلَّهُمۡ يَتَفَكَّرُونَ ﴿44﴾بِٱلۡبَيِّنَٰتِ وَٱلزُّبُرِۗ وَأَنزَلۡنَآ إِلَيۡكَ ٱلذِّكۡرَ لِتُبَيِّنَ لِلنَّاسِ مَا نُزِّلَ إِلَيۡهِمۡ وَلَعَلَّهُمۡ يَتَفَكَّرُونَ
Transliteration: Bialbayyinati waalzzuburi waanzalna ilayka alththikra litubayyina lilnnasi ma nuzzila ilayhim walaAAallahum yatafakkaroona
Translation: Intumwa z’aho hambere rero, Twazirungikana ivyemezo bitomoye hamwe n’Ibitabu. Ntumwa y’Imana! Na we nyene, Twakumanuriye Qor’ani kugira utomorere abantu amabwirizwa y’ivyo bahishuriwe, kugira ngo biyumvire baheze batahure nya mabwirizwa banayubahirize.
16:45أَفَأَمِنَ ٱلَّذِينَ مَكَرُواْ ٱلسَّيِّـَٔاتِ أَن يَخۡسِفَ ٱللَّهُ بِهِمُ ٱلۡأَرۡضَ أَوۡ يَأۡتِيَهُمُ ٱلۡعَذَابُ مِنۡ حَيۡثُ لَا يَشۡعُرُونَ ﴿45﴾أَفَأَمِنَ ٱلَّذِينَ مَكَرُواْ ٱلسَّيِّـَٔاتِ أَن يَخۡسِفَ ٱللَّهُ بِهِمُ ٱلۡأَرۡضَ أَوۡ يَأۡتِيَهُمُ ٱلۡعَذَابُ مِنۡ حَيۡثُ لَا يَشۡعُرُونَ
Transliteration: Afaamina allatheena makaroo alssayyiati an yakhsifa Allahu bihimu alarda aw yatiyahumu alAAathabu min haythu la yashAAuroona
Translation: Mbega burya abagarariji batega imitego abemeramana, boba batekaniwe ku Mana Allah, ko Itobafuririra mu kuzimu nk’uko Yafuriye Qaaruuni! Canke ko batoshikirwa n’ibihano mu buryo batari biteze!;
16:46أَوۡ يَأۡخُذَهُمۡ فِي تَقَلُّبِهِمۡ فَمَا هُم بِمُعۡجِزِينَ ﴿46﴾أَوۡ يَأۡخُذَهُمۡ فِي تَقَلُّبِهِمۡ فَمَا هُم بِمُعۡجِزِينَ
Transliteration: Aw yakhuthahum fee taqallubihim fama hum bimuAAjizeena
Translation: Canke bagashikirwa n’ibihano giturumbuka, bari mu kwishira no kwizana[337]! Nta ho rero bohungira ibihano vy’Imana Allah, canke ngo bayinanire Ishatse kubahana;
16:47أَوۡ يَأۡخُذَهُمۡ عَلَىٰ تَخَوُّفٖ فَإِنَّ رَبَّكُمۡ لَرَءُوفٞ رَّحِيمٌ ﴿47﴾أَوۡ يَأۡخُذَهُمۡ عَلَىٰ تَخَوُّفٖ فَإِنَّ رَبَّكُمۡ لَرَءُوفٞ رَّحِيمٌ
Transliteration: Aw yakhuthahum AAala takhawwufin fainna rabbakum laraoofun raheemun
Translation: Canke boba batekaniwe ku Mana Allah ko Itobahana mu gihe bafise impungenge zo guhanwa! Burya rero Imana Allah, ni Nyenikigongwe, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
16:48أَوَلَمۡ يَرَوۡاْ إِلَىٰ مَا خَلَقَ ٱللَّهُ مِن شَيۡءٖ يَتَفَيَّؤُاْ ظِلَٰلُهُۥ عَنِ ٱلۡيَمِينِ وَٱلشَّمَآئِلِ سُجَّدٗا لِّلَّهِ وَهُمۡ دَٰخِرُونَ ﴿48﴾أَوَلَمۡ يَرَوۡاْ إِلَىٰ مَا خَلَقَ ٱللَّهُ مِن شَيۡءٖ يَتَفَيَّؤُاْ ظِلَٰلُهُۥ عَنِ ٱلۡيَمِينِ وَٱلشَّمَآئِلِ سُجَّدٗا لِّلَّهِ وَهُمۡ دَٰخِرُونَ
Transliteration: Awa lam yaraw ila ma khalaqa Allahu min shayin yatafayyao thilaluhu AAani alyameeni waalshshamaili sujjadan lillahi wahum dakhiroona
Translation: Mbega abagarariji ntibaraba ivyaremwe n’Imana Allah bifise igitutu; nk’imisozi n’ibiti, ngo babone ko igitutu cavyo hari igihe gihengamira iburyo canke ibubamfu, gikurikije uruhande izuba ririko ku murango, n’uruhande ukwezi kuriko mw’ijoro, vyose bikaba vyicisha bugufi ku Mana yavyo Allah, kandi vyubahiriza n’itegeko ryayo!
16:49وَلِلَّهِۤ يَسۡجُدُۤ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَا فِي ٱلۡأَرۡضِ مِن دَآبَّةٖ وَٱلۡمَلَـٰٓئِكَةُ وَهُمۡ لَا يَسۡتَكۡبِرُونَ ﴿49﴾وَلِلَّهِۤ يَسۡجُدُۤ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَا فِي ٱلۡأَرۡضِ مِن دَآبَّةٖ وَٱلۡمَلَـٰٓئِكَةُ وَهُمۡ لَا يَسۡتَكۡبِرُونَ
Transliteration: Walillahi yasjudu ma fee alssamawati wama fee alardi min dabbatin waalmalaikatu wahum la yastakbiroona
Translation: Ibigendagenda biri mu majuru n’ibiri mw’isi, vyose vyubamira Imana Allah; n’abamalayika nyene[338] bubamira Imana Allah, kandi ntibagira amanyama ngo bareke kwicisha bugufi kuri Yo;
16:50يَخَافُونَ رَبَّهُم مِّن فَوۡقِهِمۡ وَيَفۡعَلُونَ مَا يُؤۡمَرُونَ۩ ﴿50﴾يَخَافُونَ رَبَّهُم مِّن فَوۡقِهِمۡ وَيَفۡعَلُونَ مَا يُؤۡمَرُونَ۩
Transliteration: Yakhafoona rabbahum min fawqihim wayafAAaloona ma yumaroona
Translation: Batinya Imana yabo Rurema Allah Iri hejuru yabo[339] mu cubahiro n’amatazirano yayo, kandi bashira mu ngiro ivyo bategetswe na Yo.
16:51وَقَالَ ٱللَّهُ لَا تَتَّخِذُوٓاْ إِلَٰهَيۡنِ ٱثۡنَيۡنِۖ إِنَّمَا هُوَ إِلَٰهٞ وَٰحِدٞ فَإِيَّـٰيَ فَٱرۡهَبُونِ ﴿51﴾۞وَقَالَ ٱللَّهُ لَا تَتَّخِذُوٓاْ إِلَٰهَيۡنِ ٱثۡنَيۡنِۖ إِنَّمَا هُوَ إِلَٰهٞ وَٰحِدٞ فَإِيَّـٰيَ فَٱرۡهَبُونِ
Transliteration: Waqala Allahu la tattakhithoo ilahayni ithnayni innama huwa ilahun wahidun faiyyaya fairhabooni
Translation: Imana Allah Yavuze Ibwira abaja bayo Iti: “Ntimukagire imana zibiri musenga, ahubwo Imana mukwiye gusenga, ni Imwe Rudende Allah, ni Jewe gusa rero mukwiye gutinya”.
16:52وَلَهُۥ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَلَهُ ٱلدِّينُ وَاصِبًاۚ أَفَغَيۡرَ ٱللَّهِ تَتَّقُونَ ﴿52﴾وَلَهُۥ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَلَهُ ٱلدِّينُ وَاصِبًاۚ أَفَغَيۡرَ ٱللَّهِ تَتَّقُونَ
Transliteration: Walahu ma fee alssamawati waalardi walahu alddeenu wasiban afaghayra Allahi tattaqoona
Translation: Imana Allah ni na Yo Rugaba Igaba Ikaganza ibiri mu majuru no mw’isi vyose; ni na Yo rero Ikwiye gusengwa no kugamburukirwa muri vyose. Aho nyene murabona ko mukwiye gusenga no kugamburukira ikitari Imana Allah!
16:53وَمَا بِكُم مِّن نِّعۡمَةٖ فَمِنَ ٱللَّهِۖ ثُمَّ إِذَا مَسَّكُمُ ٱلضُّرُّ فَإِلَيۡهِ تَجۡـَٔرُونَ ﴿53﴾وَمَا بِكُم مِّن نِّعۡمَةٖ فَمِنَ ٱللَّهِۖ ثُمَّ إِذَا مَسَّكُمُ ٱلضُّرُّ فَإِلَيۡهِ تَجۡـَٔرُونَ
Transliteration: Wama bikum min niAAmatin famina Allahi thumma itha massakumu alddurru failayhi tajaroona
Translation: Bantu! Inema iyo ari yo yose rero mufise[340], ikomoka ku Mana Allah; hanyuma iyo mukozweko n’icago c’indwara, c'igeragezwa n’ic’amapfa, ni kuri Yo nyene mugarukako mugatakamba muyiganyira ngo Ikibakureko;
16:54ثُمَّ إِذَا كَشَفَ ٱلضُّرَّ عَنكُمۡ إِذَا فَرِيقٞ مِّنكُم بِرَبِّهِمۡ يُشۡرِكُونَ ﴿54﴾ثُمَّ إِذَا كَشَفَ ٱلضُّرَّ عَنكُمۡ إِذَا فَرِيقٞ مِّنكُم بِرَبِّهِمۡ يُشۡرِكُونَ
Transliteration: Thumma itha kashafa alddurra AAankum itha fareequn minkum birabbihim yushrikoona
Translation: Mu nyuma Yamara kubakurako nya cago, muri mwebwe hakavamwo umugwi uca usubira kandi kubangikanya Imana yawo Rurema Allah;
16:55لِيَكۡفُرُواْ بِمَآ ءَاتَيۡنَٰهُمۡۚ فَتَمَتَّعُواْ فَسَوۡفَ تَعۡلَمُونَ ﴿55﴾لِيَكۡفُرُواْ بِمَآ ءَاتَيۡنَٰهُمۡۚ فَتَمَتَّعُواْ فَسَوۡفَ تَعۡلَمُونَ
Transliteration: Liyakfuroo bima ataynahum fatamattaAAoo fasawfa taAAlamoona
Translation: Gutyo inyuma y'ikurwako rya nya cago bakagarariza mu guhakana inema zacu Twebwe Allah Twabahaye, hatibagiwe no kubakurako ivyago. Bahakanyi! Nimuryoherwe rero mwidagadure gato mu buzima bwo kw’isi, muzoheza mumenye iherezo ry’ubuhakanyi bwanyu.
16:56وَيَجۡعَلُونَ لِمَا لَا يَعۡلَمُونَ نَصِيبٗا مِّمَّا رَزَقۡنَٰهُمۡۗ تَٱللَّهِ لَتُسۡـَٔلُنَّ عَمَّا كُنتُمۡ تَفۡتَرُونَ ﴿56﴾وَيَجۡعَلُونَ لِمَا لَا يَعۡلَمُونَ نَصِيبٗا مِّمَّا رَزَقۡنَٰهُمۡۗ تَٱللَّهِ لَتُسۡـَٔلُنَّ عَمَّا كُنتُمۡ تَفۡتَرُونَ
Transliteration: WayajAAaloona lima la yaAAlamoona naseeban mimma razaqnahum taAllahi latusalunna AAamma kuntum taftaroona
Translation: Ababangikanyamana baraheza bakanagenera ibigirwamana ata co bibamariye, ata n’ico bibiciye, umugabane mu nema zacu Twabaronkeje. Ndarahiye kw’izina ryanje Jewe Allah, ko mu vy’ukuri muzobazwa ku musi w’izuka ku vyo mwari mwararementanirije Imana Allah kw'isi;
16:57وَيَجۡعَلُونَ لِلَّهِ ٱلۡبَنَٰتِ سُبۡحَٰنَهُۥ وَلَهُم مَّا يَشۡتَهُونَ ﴿57﴾وَيَجۡعَلُونَ لِلَّهِ ٱلۡبَنَٰتِ سُبۡحَٰنَهُۥ وَلَهُم مَّا يَشۡتَهُونَ
Transliteration: WayajAAaloona lillahi albanati subhanahu walahum ma yashtahoona
Translation: Bakanomekera abamalayika ku Mana Allah ngo ni abana bayo b’abakobwa ku kwanka gusa abakobwa. Ukuninahazwa ni ukw’Imana Allah mu buryo burengeye cane ivyo bayomekera! Bagaheza bakiyitirira abana b’abahungu ku gukunda gusa abahungu.
16:58وَإِذَا بُشِّرَ أَحَدُهُم بِٱلۡأُنثَىٰ ظَلَّ وَجۡهُهُۥ مُسۡوَدّٗا وَهُوَ كَظِيمٞ ﴿58﴾وَإِذَا بُشِّرَ أَحَدُهُم بِٱلۡأُنثَىٰ ظَلَّ وَجۡهُهُۥ مُسۡوَدّٗا وَهُوَ كَظِيمٞ
Transliteration: Waitha bushshira ahaduhum bialontha thalla wajhuhu muswaddan wahuwa katheemun
Translation: Iyo hagize umwe muri bo ahabwa inkuru yuko yibarutse umwana w’umukobwa, yirirwa yijiriwe mu maso n’ishavu n’akantu;
16:59يَتَوَٰرَىٰ مِنَ ٱلۡقَوۡمِ مِن سُوٓءِ مَا بُشِّرَ بِهِۦٓۚ أَيُمۡسِكُهُۥ عَلَىٰ هُونٍ أَمۡ يَدُسُّهُۥ فِي ٱلتُّرَابِۗ أَلَا سَآءَ مَا يَحۡكُمُونَ ﴿59﴾يَتَوَٰرَىٰ مِنَ ٱلۡقَوۡمِ مِن سُوٓءِ مَا بُشِّرَ بِهِۦٓۚ أَيُمۡسِكُهُۥ عَلَىٰ هُونٍ أَمۡ يَدُسُّهُۥ فِي ٱلتُّرَابِۗ أَلَا سَآءَ مَا يَحۡكُمُونَ
Transliteration: Yatawara mina alqawmi min sooi ma bushshira bihi ayumsikuhu AAala hoonin am yadussuhu fee altturabi ala saa ma yahkumoona
Translation: Yinyegeza abantu kubera intuntu n’iceyi yibwira ko yatewe no kwibaruka umwana w’umukobwa, yijijanya imitima ko yokwemera ico ceyi akareka nya mwana agakura, canke ko yomuhamba akiri muzima! Bantu, nimwumve mwumvireho! Ukwomekera kw'ababangikanyamana abana b’abakobwa ku Mana Allah, bakiyitirira abana b’abahungu, ni ingingo mbi cane.
16:60لِلَّذِينَ لَا يُؤۡمِنُونَ بِٱلۡأٓخِرَةِ مَثَلُ ٱلسَّوۡءِۖ وَلِلَّهِ ٱلۡمَثَلُ ٱلۡأَعۡلَىٰۚ وَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلۡحَكِيمُ ﴿60﴾لِلَّذِينَ لَا يُؤۡمِنُونَ بِٱلۡأٓخِرَةِ مَثَلُ ٱلسَّوۡءِۖ وَلِلَّهِ ٱلۡمَثَلُ ٱلۡأَعۡلَىٰۚ وَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلۡحَكِيمُ
Transliteration: Lillatheena la yuminoona bialakhirati mathalu alssawi walillahi almathalu alaAAla wahuwa alAAazeezu alhakeemu
Translation: Abatemera ko hariho ubuzima bw'inyuma yo gupfa ngo babwitegurire, barangwa n’ingeso mbi y’ubugarariji, ubujuju no kuba batikenuye; Imana Allah na Yo, Irangwa n’ukuba Ifise amazina n'amatazirano meza n’ukuba Yikenuye muri vyose. Ni na Yo rero Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.
16:61وَلَوۡ يُؤَاخِذُ ٱللَّهُ ٱلنَّاسَ بِظُلۡمِهِم مَّا تَرَكَ عَلَيۡهَا مِن دَآبَّةٖ وَلَٰكِن يُؤَخِّرُهُمۡ إِلَىٰٓ أَجَلٖ مُّسَمّٗىۖ فَإِذَا جَآءَ أَجَلُهُمۡ لَا يَسۡتَـٔۡخِرُونَ سَاعَةٗ وَلَا يَسۡتَقۡدِمُونَ ﴿61﴾وَلَوۡ يُؤَاخِذُ ٱللَّهُ ٱلنَّاسَ بِظُلۡمِهِم مَّا تَرَكَ عَلَيۡهَا مِن دَآبَّةٖ وَلَٰكِن يُؤَخِّرُهُمۡ إِلَىٰٓ أَجَلٖ مُّسَمّٗىۖ فَإِذَا جَآءَ أَجَلُهُمۡ لَا يَسۡتَـٔۡخِرُونَ سَاعَةٗ وَلَا يَسۡتَقۡدِمُونَ
Transliteration: Walaw yuakhithu Allahu alnnasa bithulmihim ma taraka AAalayha min dabbatin walakin yuakhkhiruhum ila ajalin musamman faitha jaa ajaluhum la yastakhiroona saAAatan wala yastaqdimoona
Translation: Iyo Imana Allah Yihutira guhana abantu ku kwirenganya kwabo mu kugarariza, ntiyari gusigaza kw’isi ikiremwa na kimwe kigendagenda, ariko rero Itenyenya kubahana gushika kw'isango ntarengwa ry'umwe wese muri bo ryo gupfa. Isango ry'umwe wese muri bo rero niryagera, ntihazorengako akanya na gato, eka ntihazonashika nya sango ritaragera.
16:62وَيَجۡعَلُونَ لِلَّهِ مَا يَكۡرَهُونَۚ وَتَصِفُ أَلۡسِنَتُهُمُ ٱلۡكَذِبَ أَنَّ لَهُمُ ٱلۡحُسۡنَىٰۚ لَا جَرَمَ أَنَّ لَهُمُ ٱلنَّارَ وَأَنَّهُم مُّفۡرَطُونَ ﴿62﴾وَيَجۡعَلُونَ لِلَّهِ مَا يَكۡرَهُونَۚ وَتَصِفُ أَلۡسِنَتُهُمُ ٱلۡكَذِبَ أَنَّ لَهُمُ ٱلۡحُسۡنَىٰۚ لَا جَرَمَ أَنَّ لَهُمُ ٱلنَّارَ وَأَنَّهُم مُّفۡرَطُونَ
Transliteration: WayajAAaloona lillahi ma yakrahoona watasifu alsinatuhumu alkathiba anna lahumu alhusna la jarama anna lahumu alnnara waannahum mufratoona
Translation: Bomekera ku Mana Allah abana b’abakobwa badakunda, bakanavuga babesha mu kwihenda ko bafise iherezo ryiza! Ni ivy’ukuri ko bategekanirijwe umuriro, n’uko bazoherayo amazimayongo.
16:63تَٱللَّهِ لَقَدۡ أَرۡسَلۡنَآ إِلَىٰٓ أُمَمٖ مِّن قَبۡلِكَ فَزَيَّنَ لَهُمُ ٱلشَّيۡطَٰنُ أَعۡمَٰلَهُمۡ فَهُوَ وَلِيُّهُمُ ٱلۡيَوۡمَ وَلَهُمۡ عَذَابٌ أَلِيمٞ ﴿63﴾تَٱللَّهِ لَقَدۡ أَرۡسَلۡنَآ إِلَىٰٓ أُمَمٖ مِّن قَبۡلِكَ فَزَيَّنَ لَهُمُ ٱلشَّيۡطَٰنُ أَعۡمَٰلَهُمۡ فَهُوَ وَلِيُّهُمُ ٱلۡيَوۡمَ وَلَهُمۡ عَذَابٌ أَلِيمٞ
Transliteration: TaAllahi laqad arsalna ila omamin min qablika fazayyana lahumu alshshaytanu aAAmalahum fahuwa waliyyuhumu alyawma walahum AAathabun aleemun
Translation: Ndarahiye kw’izina ryanje Jewe Allah, ko mu vy’ukuri Twarungitse Intumwa ku migwi y’abantu b’aho hambere yawe, maze shetani irabaryohereza ibikorwa vyabo vy’ubugarariji n’ibangikanyamana; shetani rero, burya ni yo muhagarikizi wabo abahubisha kw’isi, baranategekanirijwe ibihano bibabaza mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
16:64وَمَآ أَنزَلۡنَا عَلَيۡكَ ٱلۡكِتَٰبَ إِلَّا لِتُبَيِّنَ لَهُمُ ٱلَّذِي ٱخۡتَلَفُواْ فِيهِ وَهُدٗى وَرَحۡمَةٗ لِّقَوۡمٖ يُؤۡمِنُونَ ﴿64﴾وَمَآ أَنزَلۡنَا عَلَيۡكَ ٱلۡكِتَٰبَ إِلَّا لِتُبَيِّنَ لَهُمُ ٱلَّذِي ٱخۡتَلَفُواْ فِيهِ وَهُدٗى وَرَحۡمَةٗ لِّقَوۡمٖ يُؤۡمِنُونَ
Transliteration: Wama anzalna AAalayka alkitaba illa litubayyina lahumu allathee ikhtalafoo feehi wahudan warahmatan liqawmin yuminoona
Translation: Ntumwa y’Imana! Ntitwakumanuriye Igitabu ca Qor’ani atari ukugira ngo utomorere abantu ivyo bahazanako mw’idini n'amabwirizwa yayo, gutyo Qor’ani iheze ibere uburongozi n’impuhwe abemeramana vy’ukuri.
16:65وَٱللَّهُ أَنزَلَ مِنَ ٱلسَّمَآءِ مَآءٗ فَأَحۡيَا بِهِ ٱلۡأَرۡضَ بَعۡدَ مَوۡتِهَآۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةٗ لِّقَوۡمٖ يَسۡمَعُونَ ﴿65﴾وَٱللَّهُ أَنزَلَ مِنَ ٱلسَّمَآءِ مَآءٗ فَأَحۡيَا بِهِ ٱلۡأَرۡضَ بَعۡدَ مَوۡتِهَآۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةٗ لِّقَوۡمٖ يَسۡمَعُونَ
Transliteration: WaAllahu anzala mina alssamai maan faahya bihi alarda baAAda mawtiha inna fee thalika laayatan liqawmin yasmaAAoona
Translation: Imana Allah Yatumye hagwa imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, Iraheza Inagisha ibiterwa n'ivyimeza kw'isi hakoreshejwe amazi y'imvura, inyuma y'igaduka no gucika ubukumbagare kw'isi. Mu vy’ukuri, muri iryo gwa ry’imvura n’itotahazwa ry’isi, ni ukuri harimwo icemezo kigaragara cotuma abantu bumva, bategera bakamenya ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah mu kuzura ibiremwa.
16:66وَإِنَّ لَكُمۡ فِي ٱلۡأَنۡعَٰمِ لَعِبۡرَةٗۖ نُّسۡقِيكُم مِّمَّا فِي بُطُونِهِۦ مِنۢ بَيۡنِ فَرۡثٖ وَدَمٖ لَّبَنًا خَالِصٗا سَآئِغٗا لِّلشَّـٰرِبِينَ ﴿66﴾وَإِنَّ لَكُمۡ فِي ٱلۡأَنۡعَٰمِ لَعِبۡرَةٗۖ نُّسۡقِيكُم مِّمَّا فِي بُطُونِهِۦ مِنۢ بَيۡنِ فَرۡثٖ وَدَمٖ لَّبَنًا خَالِصٗا سَآئِغٗا لِّلشَّـٰرِبِينَ
Transliteration: Wainna lakum fee alanAAami laAAibratan nusqeekum mimma fee butoonihi min bayni farthin wadamin labanan khalisan saighan lilshsharibeena
Translation: Bantu! Mu vy’ukuri mw’irema ry’ibitungwa, harimwo inkebuzo kuri mwebwe; Tubanywesha mu biciye mu nda yavyo, amata nya mata, ahinguwe mu ruvange rw’ibica mu mayezi n’amaraso, aryohera abanywi ntibashishwe;
16:67وَمِن ثَمَرَٰتِ ٱلنَّخِيلِ وَٱلۡأَعۡنَٰبِ تَتَّخِذُونَ مِنۡهُ سَكَرٗا وَرِزۡقًا حَسَنًاۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةٗ لِّقَوۡمٖ يَعۡقِلُونَ ﴿67﴾وَمِن ثَمَرَٰتِ ٱلنَّخِيلِ وَٱلۡأَعۡنَٰبِ تَتَّخِذُونَ مِنۡهُ سَكَرٗا وَرِزۡقًا حَسَنًاۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةٗ لِّقَوۡمٖ يَعۡقِلُونَ
Transliteration: Wamin thamarati alnnakheeli waalaAAnabi tattakhithoona minhu sakaran warizqan hasanan inna fee thalika laayatan liqawmin yaAAqiloona
Translation: Biri no mu nema zacu kuri mwebwe, ivyamwa mwamura kw’itende n’imizabibu, mugaheza mukenga muri nya vyamwa ibiboreza[341], mukanabifungurako. Muri ivyo vyose rero, ni ukuri harimwo icemezo, cotuma abantu bafise ubwenge batahura ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah, bakikebuka bakayigamburukira.
16:68وَأَوۡحَىٰ رَبُّكَ إِلَى ٱلنَّحۡلِ أَنِ ٱتَّخِذِي مِنَ ٱلۡجِبَالِ بُيُوتٗا وَمِنَ ٱلشَّجَرِ وَمِمَّا يَعۡرِشُونَ ﴿68﴾وَأَوۡحَىٰ رَبُّكَ إِلَى ٱلنَّحۡلِ أَنِ ٱتَّخِذِي مِنَ ٱلۡجِبَالِ بُيُوتٗا وَمِنَ ٱلشَّجَرِ وَمِمَّا يَعۡرِشُونَ
Transliteration: Waawha rabbuka ila alnnahli ani ittakhithee mina aljibali buyootan wamina alshshajari wamimma yaAArishoona
Translation: Ntumwa y’Imana! Imana yawe Rurema Allah, Yareretse inzuki intumbero y'ukuntu zikwiye kubaho, Iti: “Muratondagira ku misozi no ku biti muhagire inzu (ibitiba), no ku nyubakwa z’aho abantu baba no ku nsenge zaho, na ho nyene murahagira inzu (ibitiba);
16:69ثُمَّ كُلِي مِن كُلِّ ٱلثَّمَرَٰتِ فَٱسۡلُكِي سُبُلَ رَبِّكِ ذُلُلٗاۚ يَخۡرُجُ مِنۢ بُطُونِهَا شَرَابٞ مُّخۡتَلِفٌ أَلۡوَٰنُهُۥ فِيهِ شِفَآءٞ لِّلنَّاسِۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةٗ لِّقَوۡمٖ يَتَفَكَّرُونَ ﴿69﴾ثُمَّ كُلِي مِن كُلِّ ٱلثَّمَرَٰتِ فَٱسۡلُكِي سُبُلَ رَبِّكِ ذُلُلٗاۚ يَخۡرُجُ مِنۢ بُطُونِهَا شَرَابٞ مُّخۡتَلِفٌ أَلۡوَٰنُهُۥ فِيهِ شِفَآءٞ لِّلنَّاسِۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةٗ لِّقَوۡمٖ يَتَفَكَّرُونَ
Transliteration: Thumma kulee min kulli alththamarati faoslukee subula rabbiki thululan yakhruju min butooniha sharabun mukhtalifun alwanuhu feehi shifaon lilnnasi inna fee thalika laayatan liqawmin yatafakkaroona
Translation: Hanyuma mufungure (mudahe) ku mashurwe yose mwipfuza, muheze mukurikire inzira mworoherejwe gucamwo n’Imana yanyu Rurema Allah, mu kuja kurondera icobabeshaho mu misozi no ku biti”. Mu nda h’inzuki rero, ni ho hahingurirwa ubuki, bukavamwo butandukanye kw’ibara. Burakiza abantu indwara zitandukanye. Muri iryo hingurwa ry’ubuki rero, ni ukuri harimwo icemezo kigaragara, cotuma abantu biyumvira, bikebuka bagatahura ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah.
16:70وَٱللَّهُ خَلَقَكُمۡ ثُمَّ يَتَوَفَّىٰكُمۡۚ وَمِنكُم مَّن يُرَدُّ إِلَىٰٓ أَرۡذَلِ ٱلۡعُمُرِ لِكَيۡ لَا يَعۡلَمَ بَعۡدَ عِلۡمٖ شَيۡـًٔاۚ إِنَّ ٱللَّهَ عَلِيمٞ قَدِيرٞ ﴿70﴾وَٱللَّهُ خَلَقَكُمۡ ثُمَّ يَتَوَفَّىٰكُمۡۚ وَمِنكُم مَّن يُرَدُّ إِلَىٰٓ أَرۡذَلِ ٱلۡعُمُرِ لِكَيۡ لَا يَعۡلَمَ بَعۡدَ عِلۡمٖ شَيۡـًٔاۚ إِنَّ ٱللَّهَ عَلِيمٞ قَدِيرٞ
Transliteration: WaAllahu khalaqakum thumma yatawaffakum waminkum man yuraddu ila arthali alAAumuri likay la yaAAlama baAAda AAilmin shayan inna Allaha AAaleemun qadeerun
Translation: Bantu! Imana Allah Yarabaremye hanyuma Izobaka ubuzima mupfe urwanyu nirwashika. Muri mwebwe rero, harimwo uwuzoshikanwa mu busaza gushika n’aho atakimenya na kimwe; nk’aho yoba yasubiye mu bwana agatangura guhoha, ntabe akimenya n’ivyo yahora azi imbere yuko asaza. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Mushoboravyose.
16:71وَٱللَّهُ فَضَّلَ بَعۡضَكُمۡ عَلَىٰ بَعۡضٖ فِي ٱلرِّزۡقِۚ فَمَا ٱلَّذِينَ فُضِّلُواْ بِرَآدِّي رِزۡقِهِمۡ عَلَىٰ مَا مَلَكَتۡ أَيۡمَٰنُهُمۡ فَهُمۡ فِيهِ سَوَآءٌۚ أَفَبِنِعۡمَةِ ٱللَّهِ يَجۡحَدُونَ ﴿71﴾وَٱللَّهُ فَضَّلَ بَعۡضَكُمۡ عَلَىٰ بَعۡضٖ فِي ٱلرِّزۡقِۚ فَمَا ٱلَّذِينَ فُضِّلُواْ بِرَآدِّي رِزۡقِهِمۡ عَلَىٰ مَا مَلَكَتۡ أَيۡمَٰنُهُمۡ فَهُمۡ فِيهِ سَوَآءٌۚ أَفَبِنِعۡمَةِ ٱللَّهِ يَجۡحَدُونَ
Transliteration: WaAllahu faddala baAAdakum AAala baAAdin fee alrrizqi fama allatheena fuddiloo biraddee rizqihim AAala ma malakat aymanuhum fahum feehi sawaon afabiniAAmati Allahi yajhadoona
Translation: Imana Allah Yarateye iteka bamwe muri mwebwe kw’isi gusumba abandi, gutyo muri mwebwe haba umutunzi n'umukene, umukoresha n'umukozi. Abahawe ubutunzi gusumba abandi rero, ntiboshobora guhereza kuri nya butunzi abatabuhawe, ngo baheze banganye, canke ngo babusabikanye. Abahawe ubutunzi rero, baramutse badashimishijwe n’uko bonganya canke bagasabikanya nya butunzi n’abatabuhawe, bigenda gute none ngo bashime ko Imana Allah Ibangikanywa n’ibiremwa vyayo, mu gihe na bo batemera gusabikanya n’abatahawe ubutunzi ubwabo bagaba bakaganza! Ukwo rero, ni kwo kwihakana koko inema z’Imana Allah.
16:72وَٱللَّهُ جَعَلَ لَكُم مِّنۡ أَنفُسِكُمۡ أَزۡوَٰجٗا وَجَعَلَ لَكُم مِّنۡ أَزۡوَٰجِكُم بَنِينَ وَحَفَدَةٗ وَرَزَقَكُم مِّنَ ٱلطَّيِّبَٰتِۚ أَفَبِٱلۡبَٰطِلِ يُؤۡمِنُونَ وَبِنِعۡمَتِ ٱللَّهِ هُمۡ يَكۡفُرُونَ ﴿72﴾وَٱللَّهُ جَعَلَ لَكُم مِّنۡ أَنفُسِكُمۡ أَزۡوَٰجٗا وَجَعَلَ لَكُم مِّنۡ أَزۡوَٰجِكُم بَنِينَ وَحَفَدَةٗ وَرَزَقَكُم مِّنَ ٱلطَّيِّبَٰتِۚ أَفَبِٱلۡبَٰطِلِ يُؤۡمِنُونَ وَبِنِعۡمَتِ ٱللَّهِ هُمۡ يَكۡفُرُونَ
Transliteration: WaAllahu jaAAala lakum min anfusikum azwajan wajaAAala lakum min azwajikum baneena wahafadatan warazaqakum mina alttayyibati afabialbatili yuminoona wabiniAAmati Allahi hum yakfuroona
Translation: Imana Allah Yabaremeye abakenyezi musangiye inkomoko ya kiremwa-muntu kugira muturure; Ibagenera kuvyarana na bo, abana n’abuzukuru bazobakomokako, Iranabaronsa ivyiza birekuwe mu vyamwa, ibinyantete n’inyama, n’ibindi. Aho rero karashize ingani, abantu bemere ikinyoma gishingiye kw’isengwa ry’ibigirwamana, baheze bakanagare bihakane inema z’Imana Allah, zotuma ari Yo bakwiye gusenga ari Imwe Rudende, batayibangikanya!.
16:73وَيَعۡبُدُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِ مَا لَا يَمۡلِكُ لَهُمۡ رِزۡقٗا مِّنَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ شَيۡـٔٗا وَلَا يَسۡتَطِيعُونَ ﴿73﴾وَيَعۡبُدُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِ مَا لَا يَمۡلِكُ لَهُمۡ رِزۡقٗا مِّنَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ شَيۡـٔٗا وَلَا يَسۡتَطِيعُونَ
Transliteration: WayaAAbudoona min dooni Allahi ma la yamliku lahum rizqan mina alssamawati waalardi shayan wala yastateeAAoona
Translation: Ababangikanyamana basenga mu gishingo c’Imana Allah ibigirwamana ata na kimwe bishoboye, ntibishoboye kubaronsa ivyobabeshaho biturutse kw’igwa ry’imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, canke bivuye mu mwimbu w’ivyarimwe kw’isi. Eka nta na kimwe bishoboye, vyongeye ntibinakwiye kuba hari n’ico vyoshobora.
16:74فَلَا تَضۡرِبُواْ لِلَّهِ ٱلۡأَمۡثَالَۚ إِنَّ ٱللَّهَ يَعۡلَمُ وَأَنتُمۡ لَا تَعۡلَمُونَ ﴿74﴾فَلَا تَضۡرِبُواْ لِلَّهِ ٱلۡأَمۡثَالَۚ إِنَّ ٱللَّهَ يَعۡلَمُ وَأَنتُمۡ لَا تَعۡلَمُونَ
Transliteration: Fala tadriboo lillahi alamthala inna Allaha yaAAlamu waantum la taAAlamoona
Translation: Bantu! Mumaze gutahura ivyo vyose rero, ntimugafate ibibazano ngo mubihe ubushobozi bw'Imana Allah mu kubibangikanya na Yo mu gusenga. Mu vy’ukuri Imana Allah, Irazi neza ivyo mukora, mu gihe mwebwe mwirabira hirya mukirengagiza kumenya iherezo ryanyu ribi.
16:75ضَرَبَ ٱللَّهُ مَثَلًا عَبۡدٗا مَّمۡلُوكٗا لَّا يَقۡدِرُ عَلَىٰ شَيۡءٖ وَمَن رَّزَقۡنَٰهُ مِنَّا رِزۡقًا حَسَنٗا فَهُوَ يُنفِقُ مِنۡهُ سِرّٗا وَجَهۡرًاۖ هَلۡ يَسۡتَوُۥنَۚ ٱلۡحَمۡدُ لِلَّهِۚ بَلۡ أَكۡثَرُهُمۡ لَا يَعۡلَمُونَ ﴿75﴾۞ضَرَبَ ٱللَّهُ مَثَلًا عَبۡدٗا مَّمۡلُوكٗا لَّا يَقۡدِرُ عَلَىٰ شَيۡءٖ وَمَن رَّزَقۡنَٰهُ مِنَّا رِزۡقًا حَسَنٗا فَهُوَ يُنفِقُ مِنۡهُ سِرّٗا وَجَهۡرًاۖ هَلۡ يَسۡتَوُۥنَۚ ٱلۡحَمۡدُ لِلَّهِۚ بَلۡ أَكۡثَرُهُمۡ لَا يَعۡلَمُونَ
Transliteration: Daraba Allahu mathalan AAabdan mamlookan la yaqdiru AAala shayin waman razaqnahu minna rizqan hasanan fahuwa yunfiqu minhu sirran wajahran hal yastawoona alhamdu lillahi bal aktharuhum la yaAAlamoona
Translation: Imana Allah Yarabaciriye agace k’umuntu agabwa n’uwundi, akaba ata na kimwe yigabira[342]; n’ak’uwundi muntu yigenga, akishira akizana, Twebwe Allah Tukaba Twamuronkeje ibimubeshaho vyiza birekuwe, maze akabitangako imperezwa mu mpisho no ku mugaragaro. Mbega none abo bantu bompi, boba bangana mu butore! Ni ukwo rero, Imana Allah Yaremye, Yikenuye, ntishobora kunganishwa n’ibiremwa vyayo. Ishimagizwa rero, ni iry’Imana Allah, ahubwo abenshi mu babangakikanyamana ntibazi ko Imana Allah ari Yo Ikwiye gushimagizwa no gusengwa.
16:76وَضَرَبَ ٱللَّهُ مَثَلٗا رَّجُلَيۡنِ أَحَدُهُمَآ أَبۡكَمُ لَا يَقۡدِرُ عَلَىٰ شَيۡءٖ وَهُوَ كَلٌّ عَلَىٰ مَوۡلَىٰهُ أَيۡنَمَا يُوَجِّههُّ لَا يَأۡتِ بِخَيۡرٍ هَلۡ يَسۡتَوِي هُوَ وَمَن يَأۡمُرُ بِٱلۡعَدۡلِ وَهُوَ عَلَىٰ صِرَٰطٖ مُّسۡتَقِيمٖ ﴿76﴾وَضَرَبَ ٱللَّهُ مَثَلٗا رَّجُلَيۡنِ أَحَدُهُمَآ أَبۡكَمُ لَا يَقۡدِرُ عَلَىٰ شَيۡءٖ وَهُوَ كَلٌّ عَلَىٰ مَوۡلَىٰهُ أَيۡنَمَا يُوَجِّههُّ لَا يَأۡتِ بِخَيۡرٍ هَلۡ يَسۡتَوِي هُوَ وَمَن يَأۡمُرُ بِٱلۡعَدۡلِ وَهُوَ عَلَىٰ صِرَٰطٖ مُّسۡتَقِيمٖ
Transliteration: Wadaraba Allahu mathalan rajulayni ahaduhuma abkamu la yaqdiru AAala shayin wahuwa kallun AAala mawlahu aynama yuwajjihhu la yati bikhayrin hal yastawee huwa waman yamuru bialAAadli wahuwa AAala siratin mustaqeemin
Translation: Imana Allah Yarabaciriye agace k’abantu babiri; umwe muri bo akaba ari nyamuragi ata co yimariye, ata n’ico yomarira abandi, kiretse ko we ari umutwaro uremereye uwumutunze, ico ari co cose amutumye gukora, ntiyigera ashobora kugitunganya neza. Uwugira kabiri muri bo, akaba ari umuntu akomeye uduhimba twose, hari ico yimariye n’ico amariye abandi, akabwiriza kugendera ubutungane, kandi ari mu nzira igororotse. Mbega none abo bantu bompi, boba bangana mu butore!
16:77وَلِلَّهِ غَيۡبُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۚ وَمَآ أَمۡرُ ٱلسَّاعَةِ إِلَّا كَلَمۡحِ ٱلۡبَصَرِ أَوۡ هُوَ أَقۡرَبُۚ إِنَّ ٱللَّهَ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ قَدِيرٞ ﴿77﴾وَلِلَّهِ غَيۡبُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۚ وَمَآ أَمۡرُ ٱلسَّاعَةِ إِلَّا كَلَمۡحِ ٱلۡبَصَرِ أَوۡ هُوَ أَقۡرَبُۚ إِنَّ ٱللَّهَ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ قَدِيرٞ
Transliteration: Walillahi ghaybu alssamawati waalardi wama amru alssaAAati illa kalamhi albasari aw huwa aqrabu inna Allaha AAala kulli shayin qadeerun
Translation: Imana Allah, ni Yo Rumenyi w’ibinyegejwe ibiremwa mu majuru no mw’isi. Kuri Yo, ishirwa mu ngiro ry’ingingo y’isango ry’umuhero w’isi, ni mu kanya isase nk’ikubita ry’urugohe canke mbere mu kanya ubusa kari musi yakwo. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Mushoboravyose.
16:78وَٱللَّهُ أَخۡرَجَكُم مِّنۢ بُطُونِ أُمَّهَٰتِكُمۡ لَا تَعۡلَمُونَ شَيۡـٔٗا وَجَعَلَ لَكُمُ ٱلسَّمۡعَ وَٱلۡأَبۡصَٰرَ وَٱلۡأَفۡـِٔدَةَ لَعَلَّكُمۡ تَشۡكُرُونَ ﴿78﴾وَٱللَّهُ أَخۡرَجَكُم مِّنۢ بُطُونِ أُمَّهَٰتِكُمۡ لَا تَعۡلَمُونَ شَيۡـٔٗا وَجَعَلَ لَكُمُ ٱلسَّمۡعَ وَٱلۡأَبۡصَٰرَ وَٱلۡأَفۡـِٔدَةَ لَعَلَّكُمۡ تَشۡكُرُونَ
Transliteration: WaAllahu akhrajakum min butooni ommahatikum la taAAlamoona shayan wajaAAala lakumu alssamAAa waalabsara waalafidata laAAallakum tashkuroona
Translation: Imana Allah, Yabakuye mu nda za ba nyoko hageze kuvuka, ata na kimwe muzi; Yabahaye n’ibihimba bituma mumenya mugatahura, Ibaha amatwi, amaso n’umushaha, kugira muyishimire mu kuyisenga ari Imwe Rudende.
16:79أَلَمۡ يَرَوۡاْ إِلَى ٱلطَّيۡرِ مُسَخَّرَٰتٖ فِي جَوِّ ٱلسَّمَآءِ مَا يُمۡسِكُهُنَّ إِلَّا ٱللَّهُۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٖ لِّقَوۡمٖ يُؤۡمِنُونَ ﴿79﴾أَلَمۡ يَرَوۡاْ إِلَى ٱلطَّيۡرِ مُسَخَّرَٰتٖ فِي جَوِّ ٱلسَّمَآءِ مَا يُمۡسِكُهُنَّ إِلَّا ٱللَّهُۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٖ لِّقَوۡمٖ يُؤۡمِنُونَ
Transliteration: Alam yaraw ila alttayri musakhkharatin fee jawwi alssamai ma yumsikuhunna illa Allahu inna fee thalika laayatin liqawmin yuminoona
Translation: Mbega ababangikanyamana ntibararaba ngo babone inyoni ingene zoroherejwe kugendera mu kirere! Nta gituma zidakorokera hasi, kiretse ko Imana Allah Yaziremeye amababa n’imirizo, Iranazishoboza kuguruka mu kirere. Mw’ishobozwa ry’inyoni ryo kuguruka mu kirere, ni ukuri harimwo ivyemezo ku bemeramana, vyerekana ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah.
16:80وَٱللَّهُ جَعَلَ لَكُم مِّنۢ بُيُوتِكُمۡ سَكَنٗا وَجَعَلَ لَكُم مِّن جُلُودِ ٱلۡأَنۡعَٰمِ بُيُوتٗا تَسۡتَخِفُّونَهَا يَوۡمَ ظَعۡنِكُمۡ وَيَوۡمَ إِقَامَتِكُمۡ وَمِنۡ أَصۡوَافِهَا وَأَوۡبَارِهَا وَأَشۡعَارِهَآ أَثَٰثٗا وَمَتَٰعًا إِلَىٰ حِينٖ ﴿80﴾وَٱللَّهُ جَعَلَ لَكُم مِّنۢ بُيُوتِكُمۡ سَكَنٗا وَجَعَلَ لَكُم مِّن جُلُودِ ٱلۡأَنۡعَٰمِ بُيُوتٗا تَسۡتَخِفُّونَهَا يَوۡمَ ظَعۡنِكُمۡ وَيَوۡمَ إِقَامَتِكُمۡ وَمِنۡ أَصۡوَافِهَا وَأَوۡبَارِهَا وَأَشۡعَارِهَآ أَثَٰثٗا وَمَتَٰعًا إِلَىٰ حِينٖ
Transliteration: WaAllahu jaAAala lakum min buyootikum sakanan wajaAAala lakum min juloodi alanAAami buyootan tastakhiffoonaha yawma thaAAnikum wayawma iqamatikum wamin aswafiha waawbariha waashAAariha athathan wamataAAan ila heenin
Translation: Imana Allah Yabagiriye amazu yanyu mubamwo kuba ari ahantu muruhukira mugaheza mukagira ituze hamwe n’abanyu; Ibashoboza no mu gihe muri ku rugendo gushinga amahema ahinguwe mu nsato z’ibitungwa, ayo mahema araborohera kuyatwara mu gihe mwimutse, akaborohera no kuyashinga aho mucumbitse; Ibashoboza no guhingura mu bwoya bwavyo utwa nkenerwa dutandukanye, kugira muryoherwe gato mu buzima bwo kw’isi, gushika igihe isango ry’umwe wese muri mwebwe ryo gupfa, ryageze.
16:81وَٱللَّهُ جَعَلَ لَكُم مِّمَّا خَلَقَ ظِلَٰلٗا وَجَعَلَ لَكُم مِّنَ ٱلۡجِبَالِ أَكۡنَٰنٗا وَجَعَلَ لَكُمۡ سَرَٰبِيلَ تَقِيكُمُ ٱلۡحَرَّ وَسَرَٰبِيلَ تَقِيكُم بَأۡسَكُمۡۚ كَذَٰلِكَ يُتِمُّ نِعۡمَتَهُۥ عَلَيۡكُمۡ لَعَلَّكُمۡ تُسۡلِمُونَ ﴿81﴾وَٱللَّهُ جَعَلَ لَكُم مِّمَّا خَلَقَ ظِلَٰلٗا وَجَعَلَ لَكُم مِّنَ ٱلۡجِبَالِ أَكۡنَٰنٗا وَجَعَلَ لَكُمۡ سَرَٰبِيلَ تَقِيكُمُ ٱلۡحَرَّ وَسَرَٰبِيلَ تَقِيكُم بَأۡسَكُمۡۚ كَذَٰلِكَ يُتِمُّ نِعۡمَتَهُۥ عَلَيۡكُمۡ لَعَلَّكُمۡ تُسۡلِمُونَ
Transliteration: WaAllahu jaAAala lakum mimma khalaqa thilalan wajaAAala lakum mina aljibali aknanan wajaAAala lakum sarabeela taqeekumu alharra wasarabeela taqeekum basakum kathalika yutimmu niAAmatahu AAalaykum laAAallakum tuslimoona
Translation: Imana Allah Yabagiriye mu vyo Yaremye, ibintu mushobora kwikorako bikabaha agatutu; Ibagirira n’aho mushobora guhungira bikenewe, mu misozi, amasenga y’ibuye n’imyobo; Ibagirira n’impuzu zihinguwe mw’ipampa no mu bwoya, n’ibindi, zigaheza zikabakingira ubushuhe n’igikonyozi; Ibagirira n’ivyambarwa bihinguwe mu cuma, bibakingira ivyogeramira ubuzima bwanyu mu ndwano. Ni uko rero, Imana Allah Yabahaye ivyo vyose kugira Ibatunganirize inema yayo yo kubatomorera idini ry’ukuri, kugira mwicishe bugufi kuri Yo, muheze muyisenge ari Imwe Rudende mutayibangikanya.
16:82فَإِن تَوَلَّوۡاْ فَإِنَّمَا عَلَيۡكَ ٱلۡبَلَٰغُ ٱلۡمُبِينُ ﴿82﴾فَإِن تَوَلَّوۡاْ فَإِنَّمَا عَلَيۡكَ ٱلۡبَلَٰغُ ٱلۡمُبِينُ
Transliteration: Fain tawallaw fainnama AAalayka albalaghu almubeenu
Translation: Ntumwa y’Imana! Nibagenza umugongo rero, bakakwirengagiza inyuma y’aho bumviye ivyo vyemezo, ntuzokwicwe n’intuntu namba, kuko wewe mu vy’ukuri, nta kindi ujejwe kiretse gushikiriza ubutumwa butomoye.
16:83يَعۡرِفُونَ نِعۡمَتَ ٱللَّهِ ثُمَّ يُنكِرُونَهَا وَأَكۡثَرُهُمُ ٱلۡكَٰفِرُونَ ﴿83﴾يَعۡرِفُونَ نِعۡمَتَ ٱللَّهِ ثُمَّ يُنكِرُونَهَا وَأَكۡثَرُهُمُ ٱلۡكَٰفِرُونَ
Transliteration: YaAArifoona niAAmata Allahi thumma yunkiroonaha waaktharuhumu alkafiroona
Translation: Ababangikanyamana barazi inema y’Imana Allah yo kurungikirwa Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), hanyuma bagahakana bivuye inyuma irungikwa ryayo, burya abenshi muri bo, barayigarariza.
16:84وَيَوۡمَ نَبۡعَثُ مِن كُلِّ أُمَّةٖ شَهِيدٗا ثُمَّ لَا يُؤۡذَنُ لِلَّذِينَ كَفَرُواْ وَلَا هُمۡ يُسۡتَعۡتَبُونَ ﴿84﴾وَيَوۡمَ نَبۡعَثُ مِن كُلِّ أُمَّةٖ شَهِيدٗا ثُمَّ لَا يُؤۡذَنُ لِلَّذِينَ كَفَرُواْ وَلَا هُمۡ يُسۡتَعۡتَبُونَ
Transliteration: Wayawma nabAAathu min kulli ommatin shaheedan thumma la yuthanu lillatheena kafaroo wala hum yustaAAtaboona
Translation: Ntumwa y’Imana! Ibutsa ababangikanyamana intureka z’umuhero w’isi, umusi Twarengukije Intumwa Twarungikiye umugwi umwumwe w’abantu, kugira ibere icabona abayemeye muri bo, yongere yagirize n'abayigararije, hanyuma abagararije muri bo ntibazohabwa uburenganzira bwo kwiregura ku bugarariji bwabo, eka ntibazonasabwa ko bashimisha Imana Allah mu kwigaya;
16:85وَإِذَا رَءَا ٱلَّذِينَ ظَلَمُواْ ٱلۡعَذَابَ فَلَا يُخَفَّفُ عَنۡهُمۡ وَلَا هُمۡ يُنظَرُونَ ﴿85﴾وَإِذَا رَءَا ٱلَّذِينَ ظَلَمُواْ ٱلۡعَذَابَ فَلَا يُخَفَّفُ عَنۡهُمۡ وَلَا هُمۡ يُنظَرُونَ
Transliteration: Waitha raa allatheena thalamoo alAAathaba fala yukhaffafu AAanhum wala hum yuntharoona
Translation: Abirenganije mu kugarariza, igihe babonye ibihano mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ntibazotezurirwa na gato mu bihano, eka ntibazonahabwa agahengwe.
16:86وَإِذَا رَءَا ٱلَّذِينَ أَشۡرَكُواْ شُرَكَآءَهُمۡ قَالُواْ رَبَّنَا هَـٰٓؤُلَآءِ شُرَكَآؤُنَا ٱلَّذِينَ كُنَّا نَدۡعُواْ مِن دُونِكَۖ فَأَلۡقَوۡاْ إِلَيۡهِمُ ٱلۡقَوۡلَ إِنَّكُمۡ لَكَٰذِبُونَ ﴿86﴾وَإِذَا رَءَا ٱلَّذِينَ أَشۡرَكُواْ شُرَكَآءَهُمۡ قَالُواْ رَبَّنَا هَـٰٓؤُلَآءِ شُرَكَآؤُنَا ٱلَّذِينَ كُنَّا نَدۡعُواْ مِن دُونِكَۖ فَأَلۡقَوۡاْ إِلَيۡهِمُ ٱلۡقَوۡلَ إِنَّكُمۡ لَكَٰذِبُونَ
Transliteration: Waitha raa allatheena ashrakoo shurakaahum qaloo rabbana haolai shurakaona allatheena kunna nadAAoo min doonika faalqaw ilayhimu alqawla innakum lakathiboona
Translation: Ababangikanyamana na bo ku musi w’izuka, nibabona ibigirwamana vyabo, bazovuga bati: “Mana yacu Rurema Allah! Ibi ni vya bigirwamana vyacu twahora dutakambira mu gishingo cawe, maze tukakubangikanya”. Nya bigirwamana na vyo bizokwishura bibeshuza ababitakambiye biti: “Babangikanyamana! Mu vy’ukuri, murabesha kuko twebwe ntitwigeze tubategeka kudusenga, eka ntitwanigeze tubabwira ko dukwiye gusengwa, nimwipfane”.
16:87وَأَلۡقَوۡاْ إِلَى ٱللَّهِ يَوۡمَئِذٍ ٱلسَّلَمَۖ وَضَلَّ عَنۡهُم مَّا كَانُواْ يَفۡتَرُونَ ﴿87﴾وَأَلۡقَوۡاْ إِلَى ٱللَّهِ يَوۡمَئِذٍ ٱلسَّلَمَۖ وَضَلَّ عَنۡهُم مَّا كَانُواْ يَفۡتَرُونَ
Transliteration: Waalqaw ila Allahi yawmaithin alssalama wadalla AAanhum ma kanoo yaftaroona
Translation: Ababangikanyamana rero kuri uyo musi, bazoheza bace bugufi ku Mana Allah; ivyo bahora basenga mw’irementanya na vyo, bizozimangana bigende amazimayongo.
16:88ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ وَصَدُّواْ عَن سَبِيلِ ٱللَّهِ زِدۡنَٰهُمۡ عَذَابٗا فَوۡقَ ٱلۡعَذَابِ بِمَا كَانُواْ يُفۡسِدُونَ ﴿88﴾ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ وَصَدُّواْ عَن سَبِيلِ ٱللَّهِ زِدۡنَٰهُمۡ عَذَابٗا فَوۡقَ ٱلۡعَذَابِ بِمَا كَانُواْ يُفۡسِدُونَ
Transliteration: Allatheena kafaroo wasaddoo AAan sabeeli Allahi zidnahum AAathaban fawqa alAAathabi bima kanoo yufsidoona
Translation: Ntumwa y’Imana! Abagararije bagahakana Imana Allah n’Intumwa yayo, bakanaburagiza abantu kwemera Imana Allah n’Intumwa yayo, Tuzobaha ibihano vy'iburagiza ryabo vyiyongereye ku bihano vy'igarariza ryabo, bitewe no kugenzwa n’ubwononyi kwabo.
16:89وَيَوۡمَ نَبۡعَثُ فِي كُلِّ أُمَّةٖ شَهِيدًا عَلَيۡهِم مِّنۡ أَنفُسِهِمۡۖ وَجِئۡنَا بِكَ شَهِيدًا عَلَىٰ هَـٰٓؤُلَآءِۚ وَنَزَّلۡنَا عَلَيۡكَ ٱلۡكِتَٰبَ تِبۡيَٰنٗا لِّكُلِّ شَيۡءٖ وَهُدٗى وَرَحۡمَةٗ وَبُشۡرَىٰ لِلۡمُسۡلِمِينَ ﴿89﴾وَيَوۡمَ نَبۡعَثُ فِي كُلِّ أُمَّةٖ شَهِيدًا عَلَيۡهِم مِّنۡ أَنفُسِهِمۡۖ وَجِئۡنَا بِكَ شَهِيدًا عَلَىٰ هَـٰٓؤُلَآءِۚ وَنَزَّلۡنَا عَلَيۡكَ ٱلۡكِتَٰبَ تِبۡيَٰنٗا لِّكُلِّ شَيۡءٖ وَهُدٗى وَرَحۡمَةٗ وَبُشۡرَىٰ لِلۡمُسۡلِمِينَ
Transliteration: Wayawma nabAAathu fee kulli ommatin shaheedan AAalayhim min anfusihim wajina bika shaheedan AAala haolai wanazzalna AAalayka alkitaba tibyanan likulli shayin wahudan warahmatan wabushra lilmuslimeena
Translation: Ntumwa y’Imana! Ibuka kandi umusi Twarengukije mu mugwi umwumwe w’abantu icabona kibagiriza, ico cabona kikazoba ari Intumwa Twawurungikiye ivuye muri wo nyene, maze Tukakurengutsa na we kugira ubere icabona aba bantu warungitsweko, ko wabashikirije ubutumwa. Twakumanuriye n’Igitabu ca Qor’ani kugira gitomore ikintu ico ari co cose gikeneye insiguro, congere kibere uburongozi n’impuhwe abacemera, kibere n’inkuru nziza iremesha abislamu.
16:90إِنَّ ٱللَّهَ يَأۡمُرُ بِٱلۡعَدۡلِ وَٱلۡإِحۡسَٰنِ وَإِيتَآيِٕ ذِي ٱلۡقُرۡبَىٰ وَيَنۡهَىٰ عَنِ ٱلۡفَحۡشَآءِ وَٱلۡمُنكَرِ وَٱلۡبَغۡيِۚ يَعِظُكُمۡ لَعَلَّكُمۡ تَذَكَّرُونَ ﴿90﴾۞إِنَّ ٱللَّهَ يَأۡمُرُ بِٱلۡعَدۡلِ وَٱلۡإِحۡسَٰنِ وَإِيتَآيِٕ ذِي ٱلۡقُرۡبَىٰ وَيَنۡهَىٰ عَنِ ٱلۡفَحۡشَآءِ وَٱلۡمُنكَرِ وَٱلۡبَغۡيِۚ يَعِظُكُمۡ لَعَلَّكُمۡ تَذَكَّرُونَ
Transliteration: Inna Allaha yamuru bialAAadli waalihsani waeetai thee alqurba wayanha AAani alfahshai waalmunkari waalbaghyi yaAAithukum laAAallakum tathakkaroona
Translation: Mu vy’ukuri Imana Allah, Ibwiriza abaja bayo muri Qor’ani gutunganiriza abandi ata nkunzi; kurangwa n’ubugwaneza mu kuyisenga batayibangikanya, mu kwubahiriza amabwirizwa yayo no mu kwitwararika abandi; kwunga ubucuti bw’abavandimwe mu kubaha imperezwa; Ikababuza no gukora ivyaha vy'agahomerabunwa, ibicumuro no kurenganya abandi. Imana Allah rero, Irabakebura mu kubaha izi mpanuro, kugira mwibuke amabwirizwa yayo muheze muyubahirize.
16:91وَأَوۡفُواْ بِعَهۡدِ ٱللَّهِ إِذَا عَٰهَدتُّمۡ وَلَا تَنقُضُواْ ٱلۡأَيۡمَٰنَ بَعۡدَ تَوۡكِيدِهَا وَقَدۡ جَعَلۡتُمُ ٱللَّهَ عَلَيۡكُمۡ كَفِيلًاۚ إِنَّ ٱللَّهَ يَعۡلَمُ مَا تَفۡعَلُونَ ﴿91﴾وَأَوۡفُواْ بِعَهۡدِ ٱللَّهِ إِذَا عَٰهَدتُّمۡ وَلَا تَنقُضُواْ ٱلۡأَيۡمَٰنَ بَعۡدَ تَوۡكِيدِهَا وَقَدۡ جَعَلۡتُمُ ٱللَّهَ عَلَيۡكُمۡ كَفِيلًاۚ إِنَّ ٱللَّهَ يَعۡلَمُ مَا تَفۡعَلُونَ
Transliteration: Waawfoo biAAahdi Allahi itha AAahadtum wala tanqudoo alaymana baAAda tawkeediha waqad jaAAaltumu Allaha AAalaykum kafeelan inna Allaha yaAAlamu ma tafAAaloona
Translation: Enda nyabuna rero, ba mwubahiriza isezerano ry’Imana Allah iyo hagize ico mwiyemeza kuri Yo, canke ku bantu mu gihe kidaciye kubiri n’amabwirizwa yayo; kandi ntimukisubireko mu ndahiro inyuma yo kuzishimangira, maze mukagira n'Imana Allah Umuhagarikizi wanyu igihe musezerana. Mu vy’ukuri Imana Allah, Irazi ivyo mukora, Izonabibahembera.
16:92وَلَا تَكُونُواْ كَٱلَّتِي نَقَضَتۡ غَزۡلَهَا مِنۢ بَعۡدِ قُوَّةٍ أَنكَٰثٗا تَتَّخِذُونَ أَيۡمَٰنَكُمۡ دَخَلَۢا بَيۡنَكُمۡ أَن تَكُونَ أُمَّةٌ هِيَ أَرۡبَىٰ مِنۡ أُمَّةٍۚ إِنَّمَا يَبۡلُوكُمُ ٱللَّهُ بِهِۦۚ وَلَيُبَيِّنَنَّ لَكُمۡ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ مَا كُنتُمۡ فِيهِ تَخۡتَلِفُونَ ﴿92﴾وَلَا تَكُونُواْ كَٱلَّتِي نَقَضَتۡ غَزۡلَهَا مِنۢ بَعۡدِ قُوَّةٍ أَنكَٰثٗا تَتَّخِذُونَ أَيۡمَٰنَكُمۡ دَخَلَۢا بَيۡنَكُمۡ أَن تَكُونَ أُمَّةٌ هِيَ أَرۡبَىٰ مِنۡ أُمَّةٍۚ إِنَّمَا يَبۡلُوكُمُ ٱللَّهُ بِهِۦۚ وَلَيُبَيِّنَنَّ لَكُمۡ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ مَا كُنتُمۡ فِيهِ تَخۡتَلِفُونَ
Transliteration: Wala takoonoo kaallatee naqadat ghazlaha min baAAdi quwwatin ankathan tattakhithoona aymanakum dakhalan baynakum an takoona ommatun hiya arba min ommatin innama yablookumu Allahu bihi walayubayyinanna lakum yawma alqiyamati ma kuntum feehi takhtalifoona
Translation: Ntimukisubireko rero kw’isezerano mwahanye, ngo mube nk’umugore ari aho yajisha hanyuma yamara guheza, agaca ajishura ivyo yajishe; aho mugira indahiro zanyu mwarahiye hagati yanyu uruhendo, maze mukisubirako ku vyo mwasezeranye, mu gihe mubonye ko inyungu n’akamaro kanini kari mw’isezerano rindi mwogiranira n’abandi bantu. Ni ukuri Imana Allah, Irabagerageza kw’ibwirizwa ryo kwubahiriza amasezerano no kutisubirako mu ndahiro. Ni ukuri, Izobamenyesha ku musi w’izuka ukuri ku vyo mwahora muhazanako mw’idini no mu mabwirizwa yayo.
16:93وَلَوۡ شَآءَ ٱللَّهُ لَجَعَلَكُمۡ أُمَّةٗ وَٰحِدَةٗ وَلَٰكِن يُضِلُّ مَن يَشَآءُ وَيَهۡدِي مَن يَشَآءُۚ وَلَتُسۡـَٔلُنَّ عَمَّا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ ﴿93﴾وَلَوۡ شَآءَ ٱللَّهُ لَجَعَلَكُمۡ أُمَّةٗ وَٰحِدَةٗ وَلَٰكِن يُضِلُّ مَن يَشَآءُ وَيَهۡدِي مَن يَشَآءُۚ وَلَتُسۡـَٔلُنَّ عَمَّا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ
Transliteration: Walaw shaa Allahu lajaAAalakum ommatan wahidatan walakin yudillu man yashao wayahdee man yashao walatusalunna AAamma kuntum taAAmaloona
Translation: Iyo rero Imana Allah Ishaka, Yari kubagira mwese umugwi umwe, Ikabahatira kuba abislamu, ariko rero Ituma uwo Ishatse ahuba ku butumva bwiwe, Ikarongora uwo Ishatse ku bugamburutsi bwiwe; kandi ni ukuri, muzobazwa n’Imana Allah ku musi w’izuka ku vyo mwakoze kw’isi, Iheze Ibibahembere.
16:94وَلَا تَتَّخِذُوٓاْ أَيۡمَٰنَكُمۡ دَخَلَۢا بَيۡنَكُمۡ فَتَزِلَّ قَدَمُۢ بَعۡدَ ثُبُوتِهَا وَتَذُوقُواْ ٱلسُّوٓءَ بِمَا صَدَدتُّمۡ عَن سَبِيلِ ٱللَّهِ وَلَكُمۡ عَذَابٌ عَظِيمٞ ﴿94﴾وَلَا تَتَّخِذُوٓاْ أَيۡمَٰنَكُمۡ دَخَلَۢا بَيۡنَكُمۡ فَتَزِلَّ قَدَمُۢ بَعۡدَ ثُبُوتِهَا وَتَذُوقُواْ ٱلسُّوٓءَ بِمَا صَدَدتُّمۡ عَن سَبِيلِ ٱللَّهِ وَلَكُمۡ عَذَابٌ عَظِيمٞ
Transliteration: Wala tattakhithoo aymanakum dakhalan baynakum fatazilla qadamun baAAda thubootiha watathooqoo alssooa bima sadadtum AAan sabeeli Allahi walakum AAathabun AAatheemun
Translation: Ntimukagire rero indahiro zanyu mwarahiye hagati yanyu uruhendo, kuko mwohava muhungabana maze mugahona inyuma y’aho mwari mutekanye; mukaba nk’umuntu yanyereye agatemba nk’amazi inyuma y’aho yari ahagaze bwuma, mukanahonja n’ibihano vyo kw’isi kuko mwabaye imvo yo kuburagiza abantu kwinjira mu bwislamu[343], muranategekanirijwe ibihano rutura mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
16:95وَلَا تَشۡتَرُواْ بِعَهۡدِ ٱللَّهِ ثَمَنٗا قَلِيلًاۚ إِنَّمَا عِندَ ٱللَّهِ هُوَ خَيۡرٞ لَّكُمۡ إِن كُنتُمۡ تَعۡلَمُونَ ﴿95﴾وَلَا تَشۡتَرُواْ بِعَهۡدِ ٱللَّهِ ثَمَنٗا قَلِيلًاۚ إِنَّمَا عِندَ ٱللَّهِ هُوَ خَيۡرٞ لَّكُمۡ إِن كُنتُمۡ تَعۡلَمُونَ
Transliteration: Wala tashtaroo biAAahdi Allahi thamanan qaleelan innama AAinda Allahi huwa khayrun lakum in kuntum taAAlamoona
Translation: Ntimukisubireko rero mu gufata isezerano ry’Imana Allah mukarihindura kugira ngo muriguze ibintu vy’agaciro gato cane mu vy'isi. Mu vy’ukuri, mu gihe mwokwubahiriza iryo sezerano, indishi mutegekanirijwe n’Imana Allah ni nziza gusumba nimwaba muzi gutandukanya ivyiza vyo kw’isi n’ivyo mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
16:96مَا عِندَكُمۡ يَنفَدُ وَمَا عِندَ ٱللَّهِ بَاقٖۗ وَلَنَجۡزِيَنَّ ٱلَّذِينَ صَبَرُوٓاْ أَجۡرَهُم بِأَحۡسَنِ مَا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ ﴿96﴾مَا عِندَكُمۡ يَنفَدُ وَمَا عِندَ ٱللَّهِ بَاقٖۗ وَلَنَجۡزِيَنَّ ٱلَّذِينَ صَبَرُوٓاْ أَجۡرَهُم بِأَحۡسَنِ مَا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ
Transliteration: Ma AAindakum yanfadu wama AAinda Allahi baqin walanajziyanna allatheena sabaroo ajrahum biahsani ma kanoo yaAAmaloona
Translation: Ivyo mufise mu bihendamaso vy’isi birahera, nayo ibiri ku Mana Allah mu buzima bw’inyuma yo gupfa vyamaho. Ni ukuri, abihanganiye iyubahiriza ry’amabwirizwa yacu kw’isi, Tuzobahemba indishi yabo nziza ibereye[344] ku vyo bari barakoze kw'isi.
16:97مَنۡ عَمِلَ صَٰلِحٗا مِّن ذَكَرٍ أَوۡ أُنثَىٰ وَهُوَ مُؤۡمِنٞ فَلَنُحۡيِيَنَّهُۥ حَيَوٰةٗ طَيِّبَةٗۖ وَلَنَجۡزِيَنَّهُمۡ أَجۡرَهُم بِأَحۡسَنِ مَا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ ﴿97﴾مَنۡ عَمِلَ صَٰلِحٗا مِّن ذَكَرٍ أَوۡ أُنثَىٰ وَهُوَ مُؤۡمِنٞ فَلَنُحۡيِيَنَّهُۥ حَيَوٰةٗ طَيِّبَةٗۖ وَلَنَجۡزِيَنَّهُمۡ أَجۡرَهُم بِأَحۡسَنِ مَا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ
Transliteration: Man AAamila salihan min thakarin aw ontha wahuwa muminun falanuhyiyannahu hayatan tayyibatan walanajziyannahum ajrahum biahsani ma kanoo yaAAmaloona
Translation: Uwukoze iciza rero, yaba umuhungu canke umukobwa, akaba yemera n’Imana Allah hamwe n’Intumwa yayo, ni ukuri Tuzomuha ubuzima bwiza bw’iteka n’itekane kw’isi n’aho yobaho akenye; kandi ni ukuri mu buzima bw’inyuma yo gupfa, azoba ari mu bo Tuzohemba indishi yabo nziza ibereye ku vyo bari barakoze.
16:98فَإِذَا قَرَأۡتَ ٱلۡقُرۡءَانَ فَٱسۡتَعِذۡ بِٱللَّهِ مِنَ ٱلشَّيۡطَٰنِ ٱلرَّجِيمِ ﴿98﴾فَإِذَا قَرَأۡتَ ٱلۡقُرۡءَانَ فَٱسۡتَعِذۡ بِٱللَّهِ مِنَ ٱلشَّيۡطَٰنِ ٱلرَّجِيمِ
Transliteration: Faitha qarata alqurana faistaAAith biAllahi mina alshshaytani alrrajeemi
Translation: Mwemeramana! Niwashaka gusoma Qor’ani, urabanza wikinge ku Mana Allah, Igukingire inyoshambi za shetani yavumwe, maze uvuge uti: “A’UUDHU BILLAAHI MINA SSHAYTWAANI RRAJIIM”,
16:99إِنَّهُۥ لَيۡسَ لَهُۥ سُلۡطَٰنٌ عَلَى ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَلَىٰ رَبِّهِمۡ يَتَوَكَّلُونَ ﴿99﴾إِنَّهُۥ لَيۡسَ لَهُۥ سُلۡطَٰنٌ عَلَى ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَلَىٰ رَبِّهِمۡ يَتَوَكَّلُونَ
Transliteration: Innahu laysa lahu sultanun AAala allatheena amanoo waAAala rabbihim yatawakkaloona
Translation: Mu vy’ukuri, shetani nta bubasha ifise ku bantu bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo, bakishimikiza Imana yabo Rurema Allah, bayizeye;
16:100إِنَّمَا سُلۡطَٰنُهُۥ عَلَى ٱلَّذِينَ يَتَوَلَّوۡنَهُۥ وَٱلَّذِينَ هُم بِهِۦ مُشۡرِكُونَ ﴿100﴾إِنَّمَا سُلۡطَٰنُهُۥ عَلَى ٱلَّذِينَ يَتَوَلَّوۡنَهُۥ وَٱلَّذِينَ هُم بِهِۦ مُشۡرِكُونَ
Transliteration: Innama sultanuhu AAala allatheena yatawallawnahu waallatheena hum bihi mushrikoona
Translation: Mu vy’ukuri, shetani ifise ububasha ku bantu bayigize umuhagarikizi wabo, bagaheza bakayumvira, maze muri kwa kuyumvira bakabangikanya Imana Allah.
16:101وَإِذَا بَدَّلۡنَآ ءَايَةٗ مَّكَانَ ءَايَةٖ وَٱللَّهُ أَعۡلَمُ بِمَا يُنَزِّلُ قَالُوٓاْ إِنَّمَآ أَنتَ مُفۡتَرِۭۚ بَلۡ أَكۡثَرُهُمۡ لَا يَعۡلَمُونَ ﴿101﴾وَإِذَا بَدَّلۡنَآ ءَايَةٗ مَّكَانَ ءَايَةٖ وَٱللَّهُ أَعۡلَمُ بِمَا يُنَزِّلُ قَالُوٓاْ إِنَّمَآ أَنتَ مُفۡتَرِۭۚ بَلۡ أَكۡثَرُهُمۡ لَا يَعۡلَمُونَ
Transliteration: Waitha baddalna ayatan makana ayatin waAllahu aAAlamu bima yunazzilu qaloo innama anta muftarin bal aktharuhum la yaAAlamoona
Translation: Iyo Twebwe Allah Dusubirije Aayah iyindi Aayah, Imana Allah na Yo Ikaba ari Yo Izi neza ibirimwo ineza ku biremwa vyayo mu mabwirizwa Imanura mu bihe bitandukanye, abagarariji baca bavuga bati: “Ni ukuri, wewe Muhamadi urabeshera Imana Allah, ukavuga ivyo Itigeze Ivuga”. Ihibambewe, Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ntiyigera ibesha mu vyo ishikiriza, ahubwo rero abenshi muri bo ntibazi Imana Allah n’amabwirizwa yayo.
16:102قُلۡ نَزَّلَهُۥ رُوحُ ٱلۡقُدُسِ مِن رَّبِّكَ بِٱلۡحَقِّ لِيُثَبِّتَ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَهُدٗى وَبُشۡرَىٰ لِلۡمُسۡلِمِينَ ﴿102﴾قُلۡ نَزَّلَهُۥ رُوحُ ٱلۡقُدُسِ مِن رَّبِّكَ بِٱلۡحَقِّ لِيُثَبِّتَ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَهُدٗى وَبُشۡرَىٰ لِلۡمُسۡلِمِينَ
Transliteration: Qul nazzalahu roohu alqudusi min rabbika bialhaqqi liyuthabbita allatheena amanoo wahudan wabushra lilmuslimeena
Translation: Ntumwa y’Imana! Babwire ko Qor’ani, yamanuwe vy’ukuri na Mutimamutagatifu Jibrili, ivuye ku Mana yawe Rurema Allah, ku kugira iyo Qor’ani itsimbataze abemeramana, ibabere n'uburongozi n’inkuru nziza, iremeshe n'abislamu bicisha bugufi ku Mana Allah.
16:103وَلَقَدۡ نَعۡلَمُ أَنَّهُمۡ يَقُولُونَ إِنَّمَا يُعَلِّمُهُۥ بَشَرٞۗ لِّسَانُ ٱلَّذِي يُلۡحِدُونَ إِلَيۡهِ أَعۡجَمِيّٞ وَهَٰذَا لِسَانٌ عَرَبِيّٞ مُّبِينٌ ﴿103﴾وَلَقَدۡ نَعۡلَمُ أَنَّهُمۡ يَقُولُونَ إِنَّمَا يُعَلِّمُهُۥ بَشَرٞۗ لِّسَانُ ٱلَّذِي يُلۡحِدُونَ إِلَيۡهِ أَعۡجَمِيّٞ وَهَٰذَا لِسَانٌ عَرَبِيّٞ مُّبِينٌ
Transliteration: Walaqad naAAlamu annahum yaqooloona innama yuAAallimuhu basharun lisanu allathee yulhidoona ilayhi aAAjamiyyun wahatha lisanun AAarabiyyun mubeenun
Translation: Ni ukuri, Twebwe Allah Turazi ko ababangikanyamana bavuga bagutyoza bati: “Mu vy’ukuri, Muhamadi yigishwa Qor’ani na kiremwa-muntu”. Nibateshwe bate mu kwihenda bavuga ko ururimi rwigishijwemwo Qor’ani atari urw’icarabu, mu gihe Qor’ani yamanuwe mu rurimi rutomoye rw’icarabu.
16:104إِنَّ ٱلَّذِينَ لَا يُؤۡمِنُونَ بِـَٔايَٰتِ ٱللَّهِ لَا يَهۡدِيهِمُ ٱللَّهُ وَلَهُمۡ عَذَابٌ أَلِيمٌ ﴿104﴾إِنَّ ٱلَّذِينَ لَا يُؤۡمِنُونَ بِـَٔايَٰتِ ٱللَّهِ لَا يَهۡدِيهِمُ ٱللَّهُ وَلَهُمۡ عَذَابٌ أَلِيمٌ
Transliteration: Inna allatheena la yuminoona biayati Allahi la yahdeehimu Allahu walahum AAathabun aleemun
Translation: Mu vy’ukuri abagararije mu kutemera Qor’ani, Imana Allah ntizobashoboza gutumbera ukuri, barategekanirijwe n’ibihano bibabaza mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
16:105إِنَّمَا يَفۡتَرِي ٱلۡكَذِبَ ٱلَّذِينَ لَا يُؤۡمِنُونَ بِـَٔايَٰتِ ٱللَّهِۖ وَأُوْلَـٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡكَٰذِبُونَ ﴿105﴾إِنَّمَا يَفۡتَرِي ٱلۡكَذِبَ ٱلَّذِينَ لَا يُؤۡمِنُونَ بِـَٔايَٰتِ ٱللَّهِۖ وَأُوْلَـٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡكَٰذِبُونَ
Transliteration: Innama yaftaree alkathiba allatheena la yuminoona biayati Allahi waolaika humu alkathiboona
Translation: Mu vy’ukuri, abarementaniriza Imana Allah, ni abatemera Imana Allah n’ivyemezo vyayo, abo ni na bo babeshi ruhebwa rero[345];
16:106مَن كَفَرَ بِٱللَّهِ مِنۢ بَعۡدِ إِيمَٰنِهِۦٓ إِلَّا مَنۡ أُكۡرِهَ وَقَلۡبُهُۥ مُطۡمَئِنُّۢ بِٱلۡإِيمَٰنِ وَلَٰكِن مَّن شَرَحَ بِٱلۡكُفۡرِ صَدۡرٗا فَعَلَيۡهِمۡ غَضَبٞ مِّنَ ٱللَّهِ وَلَهُمۡ عَذَابٌ عَظِيمٞ ﴿106﴾مَن كَفَرَ بِٱللَّهِ مِنۢ بَعۡدِ إِيمَٰنِهِۦٓ إِلَّا مَنۡ أُكۡرِهَ وَقَلۡبُهُۥ مُطۡمَئِنُّۢ بِٱلۡإِيمَٰنِ وَلَٰكِن مَّن شَرَحَ بِٱلۡكُفۡرِ صَدۡرٗا فَعَلَيۡهِمۡ غَضَبٞ مِّنَ ٱللَّهِ وَلَهُمۡ عَذَابٌ عَظِيمٞ
Transliteration: Man kafara biAllahi min baAAdi eemanihi illa man okriha waqalbuhu mutmainnun bialeemani walakin man sharaha bialkufri sadran faAAalayhim ghadabun mina Allahi walahum AAathabun AAatheemun
Translation: Abadohotse mu kwemera, bakatura ubugarariji inyuma y’aho bahora bemera Imana Allah, abo barakwiye gushavurirwa n’Imana Allah. Uwuhatiwe ku bugarariji akabwatura ku rurimi gusa, mu gihe umutima wiwe ugitsimbataye ku kwemera, uyo nta kabi kuri we; ahubwo akabi n’akabibi ni ku watuye ubugarariji ku rurimi abikuye ku mutima. Uyo rero ari mu bashavuriwe cane n’Imana Allah, baranategekanirijwe n'ibihano rutura;
16:107ذَٰلِكَ بِأَنَّهُمُ ٱسۡتَحَبُّواْ ٱلۡحَيَوٰةَ ٱلدُّنۡيَا عَلَى ٱلۡأٓخِرَةِ وَأَنَّ ٱللَّهَ لَا يَهۡدِي ٱلۡقَوۡمَ ٱلۡكَٰفِرِينَ ﴿107﴾ذَٰلِكَ بِأَنَّهُمُ ٱسۡتَحَبُّواْ ٱلۡحَيَوٰةَ ٱلدُّنۡيَا عَلَى ٱلۡأٓخِرَةِ وَأَنَّ ٱللَّهَ لَا يَهۡدِي ٱلۡقَوۡمَ ٱلۡكَٰفِرِينَ
Transliteration: Thalika biannahumu istahabboo alhayata alddunya AAala alakhirati waanna Allaha la yahdee alqawma alkafireena
Translation: Ivyo biri ukwo, kuko bahisemwo ubuzima bw’ibihendamaso vy’isi bakabuhurumbira, ha guhurumbira indishi zo mu buzima bw’inyuma yo gupfa, Imana Allah na Yo Ikaba Itarongora mu nzira yayo abantu b’abagarariji.
16:108أُوْلَـٰٓئِكَ ٱلَّذِينَ طَبَعَ ٱللَّهُ عَلَىٰ قُلُوبِهِمۡ وَسَمۡعِهِمۡ وَأَبۡصَٰرِهِمۡۖ وَأُوْلَـٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡغَٰفِلُونَ ﴿108﴾أُوْلَـٰٓئِكَ ٱلَّذِينَ طَبَعَ ٱللَّهُ عَلَىٰ قُلُوبِهِمۡ وَسَمۡعِهِمۡ وَأَبۡصَٰرِهِمۡۖ وَأُوْلَـٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡغَٰفِلُونَ
Transliteration: Olaika allatheena tabaAAa Allahu AAala quloobihim wasamAAihim waabsarihim waolaika humu alghafiloona
Translation: Abo ni bo rero, Imana Allah Yateye ikimangu c’ubugarariji ku mitima yabo ngo ntishikirwe n’umuco w’ukwemera, Irabaziba n’amatwi ngo ntibategere amabwirizwa yayo, Irabahumya n’amaso ngo ntibabone ivyemezo vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende. Abo, ni na bo rero bagoswe mu kutamenya ibihano bibarindiriye.
16:109لَا جَرَمَ أَنَّهُمۡ فِي ٱلۡأٓخِرَةِ هُمُ ٱلۡخَٰسِرُونَ ﴿109﴾لَا جَرَمَ أَنَّهُمۡ فِي ٱلۡأٓخِرَةِ هُمُ ٱلۡخَٰسِرُونَ
Transliteration: La jarama annahum fee alakhirati humu alkhasiroona
Translation: Ni ivy’ukuri ko abagarariji, ari bo bazogira agahombo nta ngere mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
16:110ثُمَّ إِنَّ رَبَّكَ لِلَّذِينَ هَاجَرُواْ مِنۢ بَعۡدِ مَا فُتِنُواْ ثُمَّ جَٰهَدُواْ وَصَبَرُوٓاْ إِنَّ رَبَّكَ مِنۢ بَعۡدِهَا لَغَفُورٞ رَّحِيمٞ ﴿110﴾ثُمَّ إِنَّ رَبَّكَ لِلَّذِينَ هَاجَرُواْ مِنۢ بَعۡدِ مَا فُتِنُواْ ثُمَّ جَٰهَدُواْ وَصَبَرُوٓاْ إِنَّ رَبَّكَ مِنۢ بَعۡدِهَا لَغَفُورٞ رَّحِيمٞ
Transliteration: Thumma inna rabbaka lillatheena hajaroo min baAAdi ma futinoo thumma jahadoo wasabaroo inna rabbaka min baAAdiha laghafoorun raheemun
Translation: Hanyuma rero mu vy’ukuri, abahohotewe bakiri i Makka, bakageragezwa mu guhatirwa ukwatura amajambo ataroranye n’ukwemera, mu gihe imitima yabo igitsimbataye ku kwemera, mu nyuma bagahunga bakimukira i Madina, hanyuma bagaharanira idini ry’Imana Allah bakanihanganira ishira mu ngiro ry’amabwirizwa yayo, mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, inyuma y’ukwigaya kwabo Yarabababariye, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
16:111يَوۡمَ تَأۡتِي كُلُّ نَفۡسٖ تُجَٰدِلُ عَن نَّفۡسِهَا وَتُوَفَّىٰ كُلُّ نَفۡسٖ مَّا عَمِلَتۡ وَهُمۡ لَا يُظۡلَمُونَ ﴿111﴾۞يَوۡمَ تَأۡتِي كُلُّ نَفۡسٖ تُجَٰدِلُ عَن نَّفۡسِهَا وَتُوَفَّىٰ كُلُّ نَفۡسٖ مَّا عَمِلَتۡ وَهُمۡ لَا يُظۡلَمُونَ
Transliteration: Yawma tatee kullu nafsin tujadilu AAan nafsiha watuwaffa kullu nafsin ma AAamilat wahum la yuthlamoona
Translation: Ntumwa y’Imana! Ibutsa abagarariji intureka z’umusi w’umuhero w’isi, igihe umuntu uwo ari we wese azokwivugira ku gatwe kiwe yiregura, maze Imana Allah Igatunganiriza umuntu uwo ari we wese ku vyo yakoze, nta n’umwe muri bo rero azorenganywa mu kurengerezwa urugero rw’ibihano canke mu kugabanirizwa indishi.
16:112وَضَرَبَ ٱللَّهُ مَثَلٗا قَرۡيَةٗ كَانَتۡ ءَامِنَةٗ مُّطۡمَئِنَّةٗ يَأۡتِيهَا رِزۡقُهَا رَغَدٗا مِّن كُلِّ مَكَانٖ فَكَفَرَتۡ بِأَنۡعُمِ ٱللَّهِ فَأَذَٰقَهَا ٱللَّهُ لِبَاسَ ٱلۡجُوعِ وَٱلۡخَوۡفِ بِمَا كَانُواْ يَصۡنَعُونَ ﴿112﴾وَضَرَبَ ٱللَّهُ مَثَلٗا قَرۡيَةٗ كَانَتۡ ءَامِنَةٗ مُّطۡمَئِنَّةٗ يَأۡتِيهَا رِزۡقُهَا رَغَدٗا مِّن كُلِّ مَكَانٖ فَكَفَرَتۡ بِأَنۡعُمِ ٱللَّهِ فَأَذَٰقَهَا ٱللَّهُ لِبَاسَ ٱلۡجُوعِ وَٱلۡخَوۡفِ بِمَا كَانُواْ يَصۡنَعُونَ
Transliteration: Wadaraba Allahu mathalan qaryatan kanat aminatan mutmainnatan yateeha rizquha raghadan min kulli makanin fakafarat bianAAumi Allahi faathaqaha Allahu libasa aljooAAi waalkhawfi bima kanoo yasnaAAoona
Translation: Imana Allah Yarabaciriye agace k’igisagara ca Makka cari kibayeho mw’iteka n’itekane, kikaronka n’ibikibeshaho bivuye mu mihingo yose, hanyuma bene co barihakana inema z’Imana Allah mu kuyibangikanya, Imana Allah Iraheza Ibahanisha inzara no gutekerwa n’ubwoba bitewe n'ibintu bahora bakora.
16:113وَلَقَدۡ جَآءَهُمۡ رَسُولٞ مِّنۡهُمۡ فَكَذَّبُوهُ فَأَخَذَهُمُ ٱلۡعَذَابُ وَهُمۡ ظَٰلِمُونَ ﴿113﴾وَلَقَدۡ جَآءَهُمۡ رَسُولٞ مِّنۡهُمۡ فَكَذَّبُوهُ فَأَخَذَهُمُ ٱلۡعَذَابُ وَهُمۡ ظَٰلِمُونَ
Transliteration: Walaqad jaahum rasoolun minhum fakaththaboohu faakhathahumu alAAathabu wahum thalimoona
Translation: Ni ukuri barashikiriwe n’Intumwa ivuye muri bo, ari yo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), maze barayihakana ntibemera ukuri yabazaniye, Imana Allah Ica Irabahana, bakaba bari birenganije mu kubangikanya Imana Allah no kuburagiza abantu kwinjira mw’idini ryayo;
16:114فَكُلُواْ مِمَّا رَزَقَكُمُ ٱللَّهُ حَلَٰلٗا طَيِّبٗا وَٱشۡكُرُواْ نِعۡمَتَ ٱللَّهِ إِن كُنتُمۡ إِيَّاهُ تَعۡبُدُونَ ﴿114﴾فَكُلُواْ مِمَّا رَزَقَكُمُ ٱللَّهُ حَلَٰلٗا طَيِّبٗا وَٱشۡكُرُواْ نِعۡمَتَ ٱللَّهِ إِن كُنتُمۡ إِيَّاهُ تَعۡبُدُونَ
Transliteration: Fakuloo mimma razaqakumu Allahu halalan tayyiban waoshkuroo niAAmata Allahi in kuntum iyyahu taAAbudoona
Translation: Bemeramana! Nimufungure mu vyiza birekuwe, Imana Allah Yabahaye, muheze mushime inema z’Imana Allah mu kuyigamburukira nimwaba koko ari Yo mwiyegereza mu vyo mukora vyose.
16:115إِنَّمَا حَرَّمَ عَلَيۡكُمُ ٱلۡمَيۡتَةَ وَٱلدَّمَ وَلَحۡمَ ٱلۡخِنزِيرِ وَمَآ أُهِلَّ لِغَيۡرِ ٱللَّهِ بِهِۦۖ فَمَنِ ٱضۡطُرَّ غَيۡرَ بَاغٖ وَلَا عَادٖ فَإِنَّ ٱللَّهَ غَفُورٞ رَّحِيمٞ ﴿115﴾إِنَّمَا حَرَّمَ عَلَيۡكُمُ ٱلۡمَيۡتَةَ وَٱلدَّمَ وَلَحۡمَ ٱلۡخِنزِيرِ وَمَآ أُهِلَّ لِغَيۡرِ ٱللَّهِ بِهِۦۖ فَمَنِ ٱضۡطُرَّ غَيۡرَ بَاغٖ وَلَا عَادٖ فَإِنَّ ٱللَّهَ غَفُورٞ رَّحِيمٞ
Transliteration: Innama harrama AAalaykumu almaytata waalddama walahma alkhinzeeri wama ohilla lighayri Allahi bihi famani idturra ghayra baghin wala AAadin fainna Allaha ghafoorun raheemun
Translation: Mu vy’ukuri, Imana Allah Yaziririje kuri mwebwe kurya intumvyi mu bitungwa, ikiremve (ubuseri), inyama y’ingurube n’igitungwa cabagiwe ikitari Imana Allah. Ariko uwuzohakwa kwicwa n’inzara, agafungura kuri ivyo biziririjwe, mu gihe atokwirenganya mu kurengera ku bitarekuwe, canke mu kurenza urugero rwo kwivuna inzara, uyo rero nta kabi kuri we, kuko mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
16:116وَلَا تَقُولُواْ لِمَا تَصِفُ أَلۡسِنَتُكُمُ ٱلۡكَذِبَ هَٰذَا حَلَٰلٞ وَهَٰذَا حَرَامٞ لِّتَفۡتَرُواْ عَلَى ٱللَّهِ ٱلۡكَذِبَۚ إِنَّ ٱلَّذِينَ يَفۡتَرُونَ عَلَى ٱللَّهِ ٱلۡكَذِبَ لَا يُفۡلِحُونَ ﴿116﴾وَلَا تَقُولُواْ لِمَا تَصِفُ أَلۡسِنَتُكُمُ ٱلۡكَذِبَ هَٰذَا حَلَٰلٞ وَهَٰذَا حَرَامٞ لِّتَفۡتَرُواْ عَلَى ٱللَّهِ ٱلۡكَذِبَۚ إِنَّ ٱلَّذِينَ يَفۡتَرُونَ عَلَى ٱللَّهِ ٱلۡكَذِبَ لَا يُفۡلِحُونَ
Transliteration: Wala taqooloo lima tasifu alsinatukumu alkathiba hatha halalun wahatha haramun litaftaroo AAala Allahi alkathiba inna allatheena yaftaroona AAala Allahi alkathiba la yuflihoona
Translation: Babangikanyamana! Ntimukabeshere Imana Allah mu kuvuga ko iki kirekuwe kandi Yarakiziririje; no mu kuvuga ko kiriya kizira kandi Yarakirekuye, ivyo mukabivuga kugira murementanirize Imana Allah. Mu vy’ukuri, abarementaniriza Imana Allah ko Yarekuye ikizira canke Yaziririje ikirekuwe, ntibazokwigera bashika ku ntsinzi y’ivyo bipfuza kw’isi eka no mu buzima bw’inyuma yo gupfa;
16:117مَتَٰعٞ قَلِيلٞ وَلَهُمۡ عَذَابٌ أَلِيمٞ ﴿117﴾مَتَٰعٞ قَلِيلٞ وَلَهُمۡ عَذَابٌ أَلِيمٞ
Transliteration: MataAAun qaleelun walahum AAathabun aleemun
Translation: Baryoherwa akanya gato gusa n’ubuzima bwo kw’isi, baranategekanirijwe n’ibihano bibabaza mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
16:118وَعَلَى ٱلَّذِينَ هَادُواْ حَرَّمۡنَا مَا قَصَصۡنَا عَلَيۡكَ مِن قَبۡلُۖ وَمَا ظَلَمۡنَٰهُمۡ وَلَٰكِن كَانُوٓاْ أَنفُسَهُمۡ يَظۡلِمُونَ ﴿118﴾وَعَلَى ٱلَّذِينَ هَادُواْ حَرَّمۡنَا مَا قَصَصۡنَا عَلَيۡكَ مِن قَبۡلُۖ وَمَا ظَلَمۡنَٰهُمۡ وَلَٰكِن كَانُوٓاْ أَنفُسَهُمۡ يَظۡلِمُونَ
Transliteration: WaAAala allatheena hadoo harramna ma qasasna AAalayka min qablu wama thalamnahum walakin kanoo anfusahum yathlimoona
Translation: Ntumwa y’Imana! Twebwe Allah Twaranaziririje ku bayahudi gusa ivyo Twamaze kukudondagurira[346], ntitwigeze rero Tubarenganya namba muri iryo ziririza, ariko ni bo birenganije mu bugarariji, maze Tubahanisha iryo ziririza.
16:119ثُمَّ إِنَّ رَبَّكَ لِلَّذِينَ عَمِلُواْ ٱلسُّوٓءَ بِجَهَٰلَةٖ ثُمَّ تَابُواْ مِنۢ بَعۡدِ ذَٰلِكَ وَأَصۡلَحُوٓاْ إِنَّ رَبَّكَ مِنۢ بَعۡدِهَا لَغَفُورٞ رَّحِيمٌ ﴿119﴾ثُمَّ إِنَّ رَبَّكَ لِلَّذِينَ عَمِلُواْ ٱلسُّوٓءَ بِجَهَٰلَةٖ ثُمَّ تَابُواْ مِنۢ بَعۡدِ ذَٰلِكَ وَأَصۡلَحُوٓاْ إِنَّ رَبَّكَ مِنۢ بَعۡدِهَا لَغَفُورٞ رَّحِيمٌ
Transliteration: Thumma inna rabbaka lillatheena AAamiloo alssooa bijahalatin thumma taboo min baAAdi thalika waaslahoo inna rabbaka min baAAdiha laghafoorun raheemun
Translation: Hanyuma rero, mu vy’ukuri abacumuye ku kutamenya inkurikizi y’ukwo gucumura, mu nyuma bakigaya ibicumuro vyabo, maze bakikebuka bakanatunganya ibikorwa vyiza bitegetswe, mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, inyuma y’ukwigaya kwabo, Irabababarira, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
16:120إِنَّ إِبۡرَٰهِيمَ كَانَ أُمَّةٗ قَانِتٗا لِّلَّهِ حَنِيفٗا وَلَمۡ يَكُ مِنَ ٱلۡمُشۡرِكِينَ ﴿120﴾إِنَّ إِبۡرَٰهِيمَ كَانَ أُمَّةٗ قَانِتٗا لِّلَّهِ حَنِيفٗا وَلَمۡ يَكُ مِنَ ٱلۡمُشۡرِكِينَ
Transliteration: Inna ibraheema kana ommatan qanitan lillahi haneefan walam yaku mina almushrikeena
Translation: Mu vy’ukuri, Ibrahimu yari indongozi mu bugwaneza vy’ukuri[347], agamburukira Imana Allah, asenga Imana Imwe Rudende Allah yicishije bugufi, kira noneho Ibrahimu ntiyari no mu babangikanyamana;
16:121شَاكِرٗا لِّأَنۡعُمِهِۚ ٱجۡتَبَىٰهُ وَهَدَىٰهُ إِلَىٰ صِرَٰطٖ مُّسۡتَقِيمٖ ﴿121﴾شَاكِرٗا لِّأَنۡعُمِهِۚ ٱجۡتَبَىٰهُ وَهَدَىٰهُ إِلَىٰ صِرَٰطٖ مُّسۡتَقِيمٖ
Transliteration: Shakiran lianAAumihi ijtabahu wahadahu ila siratin mustaqeemin
Translation: Yarashima inema Imana Allah Yamuhaye. Imana Allah Yamutoye kuba Intumwa, Iraheza Iramurongora mu nzira igororotse y’ubwislamu;
16:122وَءَاتَيۡنَٰهُ فِي ٱلدُّنۡيَا حَسَنَةٗۖ وَإِنَّهُۥ فِي ٱلۡأٓخِرَةِ لَمِنَ ٱلصَّـٰلِحِينَ ﴿122﴾وَءَاتَيۡنَٰهُ فِي ٱلدُّنۡيَا حَسَنَةٗۖ وَإِنَّهُۥ فِي ٱلۡأٓخِرَةِ لَمِنَ ٱلصَّـٰلِحِينَ
Transliteration: Waataynahu fee alddunya hasanatan wainnahu fee alakhirati lamina alssaliheena
Translation: Twaranamuhaye Twebwe Allah kw’isi, inema yo kuyagwa neza n’abantu, akabera akarorero keza n’abarutse mu nyuma, no kuronswa ikibondo ageze mu za bukuru. Mu vy’ukuri, Ibrahimu ari mu bantu b’aberanda bubashwe mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
16:123ثُمَّ أَوۡحَيۡنَآ إِلَيۡكَ أَنِ ٱتَّبِعۡ مِلَّةَ إِبۡرَٰهِيمَ حَنِيفٗاۖ وَمَا كَانَ مِنَ ٱلۡمُشۡرِكِينَ ﴿123﴾ثُمَّ أَوۡحَيۡنَآ إِلَيۡكَ أَنِ ٱتَّبِعۡ مِلَّةَ إِبۡرَٰهِيمَ حَنِيفٗاۖ وَمَا كَانَ مِنَ ٱلۡمُشۡرِكِينَ
Transliteration: Thumma awhayna ilayka ani ittabiAA millata ibraheema haneefan wama kana mina almushrikeena
Translation: Ntumwa y’Imana! Mu nyuma, ni ho rero Twebwe Allah Twaguhishurira ko ukurikira akaranga-mutima k’idini rya Ibrahimu ry’ubwislamu rishingiye ku kwemera-ndemanwa, yasenga Imana Imwe Rudende Allah, kira noneho Ibrahimu ntiyari no mu babangikanyamana.
16:124إِنَّمَا جُعِلَ ٱلسَّبۡتُ عَلَى ٱلَّذِينَ ٱخۡتَلَفُواْ فِيهِۚ وَإِنَّ رَبَّكَ لَيَحۡكُمُ بَيۡنَهُمۡ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ فِيمَا كَانُواْ فِيهِ يَخۡتَلِفُونَ ﴿124﴾إِنَّمَا جُعِلَ ٱلسَّبۡتُ عَلَى ٱلَّذِينَ ٱخۡتَلَفُواْ فِيهِۚ وَإِنَّ رَبَّكَ لَيَحۡكُمُ بَيۡنَهُمۡ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ فِيمَا كَانُواْ فِيهِ يَخۡتَلِفُونَ
Transliteration: Innama juAAila alssabtu AAala allatheena ikhtalafoo feehi wainna rabbaka layahkumu baynahum yawma alqiyamati feema kanoo feehi yakhtalifoona
Translation: Mu vy’ukuri Imana Allah, Yashingiye abayahudi umusi w'isabato kugira ube umusi wo gusenga, ni na wo musi bahazanyeko n’Abavugishwamana barungikiwe, maze barawihitiramwo ubwabo, ha guhitamwo umusi w’ijuma (wa gatanu) bari bategetswe kwubaha no kwubahiriza. Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, Izobacira urugororotse ku musi w’izuka ku vyo bahazanyeko n’Abavugishwamana barungikiwe, Iheze Ibahembere ivyo bakoze.
16:125ٱدۡعُ إِلَىٰ سَبِيلِ رَبِّكَ بِٱلۡحِكۡمَةِ وَٱلۡمَوۡعِظَةِ ٱلۡحَسَنَةِۖ وَجَٰدِلۡهُم بِٱلَّتِي هِيَ أَحۡسَنُۚ إِنَّ رَبَّكَ هُوَ أَعۡلَمُ بِمَن ضَلَّ عَن سَبِيلِهِۦ وَهُوَ أَعۡلَمُ بِٱلۡمُهۡتَدِينَ ﴿125﴾ٱدۡعُ إِلَىٰ سَبِيلِ رَبِّكَ بِٱلۡحِكۡمَةِ وَٱلۡمَوۡعِظَةِ ٱلۡحَسَنَةِۖ وَجَٰدِلۡهُم بِٱلَّتِي هِيَ أَحۡسَنُۚ إِنَّ رَبَّكَ هُوَ أَعۡلَمُ بِمَن ضَلَّ عَن سَبِيلِهِۦ وَهُوَ أَعۡلَمُ بِٱلۡمُهۡتَدِينَ
Transliteration: OdAAu ila sabeeli rabbika bialhikmati waalmawAAithati alhasanati wajadilhum biallatee hiya ahsanu inna rabbaka huwa aAAlamu biman dalla AAan sabeelihi wahuwa aAAlamu bialmuhtadeena
Translation: Ntumwa y’Imana! Hamagarira abantu mu nzira yo kwemera Imana yawe Rurema Allah, mu bwitonzi n’ubukerebutsi nta ngere, n’impanuro mu majambo meza abereye, yotuma bahurumbira ukuri, maze uganire na bo muhanahana mu rupfasoni. Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni Yo Izi neza na neza uwahuvye inzira yayo, ni na Yo Izi neza na neza abagororotsi.
16:126وَإِنۡ عَاقَبۡتُمۡ فَعَاقِبُواْ بِمِثۡلِ مَا عُوقِبۡتُم بِهِۦۖ وَلَئِن صَبَرۡتُمۡ لَهُوَ خَيۡرٞ لِّلصَّـٰبِرِينَ ﴿126﴾وَإِنۡ عَاقَبۡتُمۡ فَعَاقِبُواْ بِمِثۡلِ مَا عُوقِبۡتُم بِهِۦۖ وَلَئِن صَبَرۡتُمۡ لَهُوَ خَيۡرٞ لِّلصَّـٰبِرِينَ
Transliteration: Wain AAaqabtum faAAaqiboo bimithli ma AAooqibtum bihi walain sabartum lahuwa khayrun lilssabireena
Translation: Bemeramana! Nimwashaka kwihora uwabahohoteye, murihora mutarengeje urugezo rw’ihohoterwa mwagiriwe; nimwaramuka mwihanganiye ukutihora, ni ukuri bizoba ari vyo vyiza cane ku bihanganye mu kwerekana ubutore kw’isi, no mu kuronka impembo nta ngere mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
16:127وَٱصۡبِرۡ وَمَا صَبۡرُكَ إِلَّا بِٱللَّهِۚ وَلَا تَحۡزَنۡ عَلَيۡهِمۡ وَلَا تَكُ فِي ضَيۡقٖ مِّمَّا يَمۡكُرُونَ ﴿127﴾وَٱصۡبِرۡ وَمَا صَبۡرُكَ إِلَّا بِٱللَّهِۚ وَلَا تَحۡزَنۡ عَلَيۡهِمۡ وَلَا تَكُ فِي ضَيۡقٖ مِّمَّا يَمۡكُرُونَ
Transliteration: Waisbir wama sabruka illa biAllahi wala tahzan AAalayhim wala taku fee dayqin mimma yamkuroona
Translation: Ntumwa y’Imana! Urihanganira rero abakugeramira kugera ushike ku ntsinzi wasezeraniwe n’Imana Allah, burya ukwihangana kwawe ni ku bw’Imana Allah, kandi ntukicwe n’intuntu y’ukudashoka wumvirwa, eka ntukicwe n’agahinda gatewe n’imitego bagutega.
16:128إِنَّ ٱللَّهَ مَعَ ٱلَّذِينَ ٱتَّقَواْ وَّٱلَّذِينَ هُم مُّحۡسِنُونَ ﴿128﴾إِنَّ ٱللَّهَ مَعَ ٱلَّذِينَ ٱتَّقَواْ وَّٱلَّذِينَ هُم مُّحۡسِنُونَ
Transliteration: Inna Allaha maAAa allatheena ittaqaw waallatheena hum muhsinoona
Translation: Mu vy’ukuri Imana Allah, Iri kumwe[348] n’abayitinya mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, hamwe n’abagwaneza mw’ishira mu ngiro ry’ivyo Ibategetse.
Transliteration source: English Transliteration by Tanzil. Used under Tanzil's non-commercial terms; see the source and latest updates at Tanzil. Tanzil translation download