quranm◉

Surah Al-Furqan transliteration

◉ Sura · ∞

25:1

تَبَارَكَ ٱلَّذِي نَزَّلَ ٱلۡفُرۡقَانَ عَلَىٰ عَبۡدِهِۦ لِيَكُونَ لِلۡعَٰلَمِينَ نَذِيرًا ﴿1﴾

Transliteration: Tabaraka allathee nazzala alfurqana AAala AAabdihi liyakoona lilAAalameena natheeran

Translation: Harakubahwa Imana Allah Nyenimigisha-ntangere ku biremwa, Yo Yamanuriye Qor’ani itandukanya ukuri n’ikinyoma Umuja wayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), kugira agabishe abantu n’amajini ku bihano vyayo.

25:2

ٱلَّذِي لَهُۥ مُلۡكُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَلَمۡ يَتَّخِذۡ وَلَدٗا وَلَمۡ يَكُن لَّهُۥ شَرِيكٞ فِي ٱلۡمُلۡكِ وَخَلَقَ كُلَّ شَيۡءٖ فَقَدَّرَهُۥ تَقۡدِيرٗا ﴿2﴾

Transliteration: Allathee lahu mulku alssamawati waalardi walam yattakhith waladan walam yakun lahu shareekun fee almulki wakhalaqa kulla shayin faqaddarahu taqdeeran

Translation: Ni Yo Rugaba Igaba Ikaganza amajuru n’isi n’ibiri muri vyo, ntiyigeze namba Inigenera umwana, eka ntiyigeze Igira n’umubangikanyi mu nganji y’ubwami bwayo, Yaremye ikintu ico ari co cose mu buryo bukibereye, Iraheza Irakigerera n’ibigikwiye ata gahaze canke akanenge.

25:3

وَٱتَّخَذُواْ مِن دُونِهِۦٓ ءَالِهَةٗ لَّا يَخۡلُقُونَ شَيۡـٔٗا وَهُمۡ يُخۡلَقُونَ وَلَا يَمۡلِكُونَ لِأَنفُسِهِمۡ ضَرّٗا وَلَا نَفۡعٗا وَلَا يَمۡلِكُونَ مَوۡتٗا وَلَا حَيَوٰةٗ وَلَا نُشُورٗا ﴿3﴾

Transliteration: Waittakhathoo min doonihi alihatan la yakhluqoona shayan wahum yukhlaqoona wala yamlikoona lianfusihim darran wala nafAAan wala yamlikoona mawtan wala hayatan wala nushooran

Translation: Ababangikanyamana bigiriye mu gishingo c’Imana Allah ibigirwamana basenga, bidashoboye kurema n’ikintu na kimwe, kanatsinda bo hamwe n’ivyo basenga vyaremwe n’Imana Allah, nta n’ico vyiyicira eka nta n’ico vyimariye, nkeswe kugira ico bibamariye; eka ntibinashoboye no kwaka ubuzima canke kubutanga, eka ntibinashoboye no kuzura n’uwapfuye.

25:4

وَقَالَ ٱلَّذِينَ كَفَرُوٓاْ إِنۡ هَٰذَآ إِلَّآ إِفۡكٌ ٱفۡتَرَىٰهُ وَأَعَانَهُۥ عَلَيۡهِ قَوۡمٌ ءَاخَرُونَۖ فَقَدۡ جَآءُو ظُلۡمٗا وَزُورٗا ﴿4﴾

Transliteration: Waqala allatheena kafaroo in hatha illa ifkun iftarahu waaAAanahu AAalayhi qawmun akharoona faqad jaoo thulman wazooran

Translation: Abagararije Imana Allah, bavuze ko iyi Qor’ani atari ikindi, kiretse ko ari irementanya ryagizwe na Muhamadi arifashijwemwo n’abandi bantu. Ni ukuri, bazanye ijambo ry’akadenderezo n’ikinyoma cambaye ubusa, kuko Qor’ani nta kiremwa gishobora kuyirementanya;

25:5

وَقَالُوٓاْ أَسَٰطِيرُ ٱلۡأَوَّلِينَ ٱكۡتَتَبَهَا فَهِيَ تُمۡلَىٰ عَلَيۡهِ بُكۡرَةٗ وَأَصِيلٗا ﴿5﴾

Transliteration: Waqaloo asateeru alawwaleena iktatabaha fahiya tumla AAalayhi bukratan waaseelan

Translation: Baranavuze kandi ko Qor’ani ari imigani n’ibitito vy’ab’aho hambere, Muhamadi yababuyeko, maze bakagenda barabimucira igitondo n’umugoroba!

25:6

قُلۡ أَنزَلَهُ ٱلَّذِي يَعۡلَمُ ٱلسِّرَّ فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۚ إِنَّهُۥ كَانَ غَفُورٗا رَّحِيمٗا ﴿6﴾

Transliteration: Qul anzalahu allathee yaAAlamu alssirra fee alssamawati waalardi innahu kana ghafooran raheeman

Translation: Ntumwa y’Imana! Bwira abo bagarariji uti: “Qor’ani Yamanuwe n’Imana Allah, Yo ubumenyi bwayo buhetuye ibiri mu majuru no mw’isi. Mu vy’ukuri Imana Allah, Yamye ari Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo”.

25:7

وَقَالُواْ مَالِ هَٰذَا ٱلرَّسُولِ يَأۡكُلُ ٱلطَّعَامَ وَيَمۡشِي فِي ٱلۡأَسۡوَاقِ لَوۡلَآ أُنزِلَ إِلَيۡهِ مَلَكٞ فَيَكُونَ مَعَهُۥ نَذِيرًا ﴿7﴾

Transliteration: Waqaloo mali hatha alrrasooli yakulu alttaAAama wayamshee fee alaswaqi lawla onzila ilayhi malakun fayakoona maAAahu natheeran

Translation: Ababangikanyamana bavuze bati: “Uyu Muhamadi yiyita ko ari Intumwa, yokabaye yo agafungura co kimwe na twe, akaja no gusumira kw’isoko nkatwe! Nimba ari Intumwa, Imana Allah ntiyari gupfuma Imumanurira umumalayika yemeza ukuri kwiwe akamwitsa!

25:8

أَوۡ يُلۡقَىٰٓ إِلَيۡهِ كَنزٌ أَوۡ تَكُونُ لَهُۥ جَنَّةٞ يَأۡكُلُ مِنۡهَاۚ وَقَالَ ٱلظَّـٰلِمُونَ إِن تَتَّبِعُونَ إِلَّا رَجُلٗا مَّسۡحُورًا ﴿8﴾

Transliteration: Aw yulqa ilayhi kanzun aw takoonu lahu jannatun yakulu minha waqala alththalimoona in tattabiAAoona illa rajulan mashooran

Translation: Canke Ikamumanurira amatungo menshi yotuma tumwemera, canke Ikamuha umurima uteye igomwe, agafungura ivyamwa vyawo ha kuja gusumira kw’isoko!”. Abirenganije mu kugarariza, baranavuze kandi babwira abameramana bati: “Ntimukurikira kiretse umuntu yarozwe bigatuma akehanirwa mu bwenge!”.

25:9

ٱنظُرۡ كَيۡفَ ضَرَبُواْ لَكَ ٱلۡأَمۡثَٰلَ فَضَلُّواْ فَلَا يَسۡتَطِيعُونَ سَبِيلٗا ﴿9﴾

Transliteration: Onthur kayfa daraboo laka alamthala fadalloo fala yastateeAAoona sabeelan

Translation: Ntumwa y’Imana! Ehe raba na we ukuntu abagarariji bagutangako uburorero bw’irementanya kugira baguhakane, gutyo bagahuba inzira y’ukuri, eka ntibashoboye no kuronka inzira yo kwigobotora muri nya rementanya!

25:10

تَبَارَكَ ٱلَّذِيٓ إِن شَآءَ جَعَلَ لَكَ خَيۡرٗا مِّن ذَٰلِكَ جَنَّـٰتٖ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهَا ٱلۡأَنۡهَٰرُ وَيَجۡعَل لَّكَ قُصُورَۢا ﴿10﴾

Transliteration: Tabaraka allathee in shaa jaAAala laka khayran min thalika jannatin tajree min tahtiha alanharu wayajAAal laka qusooran

Translation: Ntumwa y’Imana! Harakubahwa Imana Allah Nyenimigisha-ntangere ku biremwa, Yo mu gihe Ishatse Yoguha ivyiza vyinshi gusumba ivyo bakwipfuriza, maze Ikaguha imirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi, Ikanaguha n’inyubakwa ziteye igomwe zigerekeranye.

25:11

بَلۡ كَذَّبُواْ بِٱلسَّاعَةِۖ وَأَعۡتَدۡنَا لِمَن كَذَّبَ بِٱلسَّاعَةِ سَعِيرًا ﴿11﴾

Transliteration: Bal kaththaboo bialssaAAati waaAAtadna liman kaththaba bialssaAAati saAAeeran

Translation: Ababangikanyamana, ntibaguhakana rero kuko ufungura ukaja no gusumira kw’isoko, ahubwo bahakanye bivuye inyuma umusi w’izuka n’iharurirwa ry’ibiremwa. Burya, Twaranategekanirije abahakanye bivuye inyuma umusi w’izuka, ibihano vy’umuriro wama wegenyejwe;

25:12

إِذَا رَأَتۡهُم مِّن مَّكَانِۭ بَعِيدٖ سَمِعُواْ لَهَا تَغَيُّظٗا وَزَفِيرٗا ﴿12﴾

Transliteration: Itha raathum min makanin baAAeedin samiAAoo laha taghayyuthan wazafeeran

Translation: Umuriro niwabona abahakanye umusi w’izuka bakiri kure yawo, uzotangura gucira amasase kubera ishavu ubafitiye, maze bawumve usuma.

25:13

وَإِذَآ أُلۡقُواْ مِنۡهَا مَكَانٗا ضَيِّقٗا مُّقَرَّنِينَ دَعَوۡاْ هُنَالِكَ ثُبُورٗا ﴿13﴾

Transliteration: Waitha olqoo minha makanan dayyiqan muqarraneena daAAaw hunalika thubooran

Translation: Nibatabwa ahantu haga cane muri nya muriro babohewe amaboko mw’izosi n’iminyororo, bazoca bisabira uguhona ngo bawuruhuke;

25:14

لَّا تَدۡعُواْ ٱلۡيَوۡمَ ثُبُورٗا وَٰحِدٗا وَٱدۡعُواْ ثُبُورٗا كَثِيرٗا ﴿14﴾

Transliteration: La tadAAoo alyawma thubooran wahidan waodAAoo thubooran katheeran

Translation: Bazoheza bahebuzwe mu kubwirwa bati: “Kuri uno musi, ntimwisabire rimwe gusa guhona, ahubwo nimwisabire kenshi guhona kuko nta buruhukiro namba mufise”.

25:15

قُلۡ أَذَٰلِكَ خَيۡرٌ أَمۡ جَنَّةُ ٱلۡخُلۡدِ ٱلَّتِي وُعِدَ ٱلۡمُتَّقُونَۚ كَانَتۡ لَهُمۡ جَزَآءٗ وَمَصِيرٗا ﴿15﴾

Transliteration: Qul athalika khayrun am jannatu alkhuldi allatee wuAAida almuttaqoona kanat lahum jazaan wamaseeran

Translation: Ntumwa y’Imana! Bwira abahakanyi uti: “Mbega none umuriro mubwirwa ko muzohanishwa ni wo mwiza, canke ni Ubwami bw’ijuru bwuzuye inema zidahera, bwasezeraniwe abagamburukiramana! Ubwo Bwami bw’ijuru rero, ni yo mpera y’ivyo bakoze, ni na yo maherezo yabo mu buzima bw’inyuma yo gupfa.

25:16

لَّهُمۡ فِيهَا مَا يَشَآءُونَ خَٰلِدِينَۚ كَانَ عَلَىٰ رَبِّكَ وَعۡدٗا مَّسۡـُٔولٗا ﴿16﴾

Transliteration: Lahum feeha ma yashaoona khalideena kana AAala rabbika waAAdan masoolan

Translation: Muri nya Bwami, bazoronswa ivyo bipfuza vyose ibihe bidahera. Iryo rero, ni ryo sezerano Imana yawe Rurema Allah Yiyemeje ku bagamburukiramana.

25:17

وَيَوۡمَ يَحۡشُرُهُمۡ وَمَا يَعۡبُدُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِ فَيَقُولُ ءَأَنتُمۡ أَضۡلَلۡتُمۡ عِبَادِي هَـٰٓؤُلَآءِ أَمۡ هُمۡ ضَلُّواْ ٱلسَّبِيلَ ﴿17﴾

Transliteration: Wayawma yahshuruhum wama yaAAbudoona min dooni Allahi fayaqoolu aantum adlaltum AAibadee haolai am hum dalloo alssabeela

Translation: Ku musi w’izuka, Imana Allah Izokwegeraniriza ababangikanyamana hamwe n’ibigirwamana basenga mu gishingo cayo, Iheze Ibaze ibigirwamana Iti: “Mbega ni mwebwe mwahubishije aba baja banje inzira y’ukuri mu kubabwiriza kubasenga, canke ni bo ubwabo bahisemwo guhuba maze barabasenga?”.

25:18

قَالُواْ سُبۡحَٰنَكَ مَا كَانَ يَنۢبَغِي لَنَآ أَن نَّتَّخِذَ مِن دُونِكَ مِنۡ أَوۡلِيَآءَ وَلَٰكِن مَّتَّعۡتَهُمۡ وَءَابَآءَهُمۡ حَتَّىٰ نَسُواْ ٱلذِّكۡرَ وَكَانُواْ قَوۡمَۢا بُورٗا ﴿18﴾

Transliteration: Qaloo subhanaka ma kana yanbaghee lana an nattakhitha min doonika min awliyaa walakin mattaAAtahum waabaahum hatta nasoo alththikra wakanoo qawman booran

Translation: Ibigirwamana bizokwishura biti: “Ukuninahazwa ni ukwawe Mana! Ntibikabe, ntitwari dukwiye namba kwigirira n’umwe mu bahagarikizi mu gishingo cawe, ariko Warorohereje ababangikanyamana hamwe n’abavyeyi babo, mu kubaronsa amatungo no kuroranirwa kw’isi gushika n’aho bakwibagira, baraheza barakubangikanya, bari n’abantu bakwiye guhona kubera ubugaba bwabo”.

25:19

فَقَدۡ كَذَّبُوكُم بِمَا تَقُولُونَ فَمَا تَسۡتَطِيعُونَ صَرۡفٗا وَلَا نَصۡرٗاۚ وَمَن يَظۡلِم مِّنكُمۡ نُذِقۡهُ عَذَابٗا كَبِيرٗا ﴿19﴾

Transliteration: Faqad kaththabookum bima taqooloona fama tastateeAAoona sarfan wala nasran waman yathlim minkum nuthiqhu AAathaban kabeeran

Translation: Ababangikanyamana bazoheza babwirwe bati: “Ni ukuri, ibigirwamana mwasenga vyamaze kubiyamiriza mu kubihakana ko bitigeze bigira uruhara mw’ibangikanyamana ryanyu, ehe ntimushoboye no kwikingira ibihano, eka ntimunashoboye no kuvyikurako. Uwo wese rero yirenganije muri mwebwe mw'ibangikanyamana, maze agapfa akiyibangikanya, nta nkeka ko Twebwe Allah Tumuhonja ibihano rutura”.

25:20

وَمَآ أَرۡسَلۡنَا قَبۡلَكَ مِنَ ٱلۡمُرۡسَلِينَ إِلَّآ إِنَّهُمۡ لَيَأۡكُلُونَ ٱلطَّعَامَ وَيَمۡشُونَ فِي ٱلۡأَسۡوَاقِۗ وَجَعَلۡنَا بَعۡضَكُمۡ لِبَعۡضٖ فِتۡنَةً أَتَصۡبِرُونَۗ وَكَانَ رَبُّكَ بَصِيرٗا ﴿20﴾

Transliteration: Wama arsalna qablaka mina almursaleena illa innahum layakuloona alttaAAama wayamshoona fee alaswaqi wajaAAalna baAAdakum libaAAdin fitnatan atasbiroona wakana rabbuka baseeran

Translation: Ntumwa y’Imana! Ntitwigeze Dutuma aho hambere yawe n’umwe mu Ntumwa, kiretse ko zakomoka mu bantu, zafungura ivyokurya zikaja no gusumira kw’isoko. Twanagize abantu kuba igeragezwa ku bandi mu guhitamwo ubugororotsi canke ubuhuvyi, mu kuba abatunzi canke abakene, mu kuroranirwa mu magara canke gukikwa n’amagara, mbega none mwokwihangana mu gushira mu ngiro amabwirizwa y’Imana Allah mukazohembwa indishi nziza! Burya Imana yawe Rurema Allah, Yamye ari Nyenukubona, Irabona neza muri mwebwe uwihangana n’uwucika intege, uwushima inema zayo n’uwugarariza akizihakana.

25:21

وَقَالَ ٱلَّذِينَ لَا يَرۡجُونَ لِقَآءَنَا لَوۡلَآ أُنزِلَ عَلَيۡنَا ٱلۡمَلَـٰٓئِكَةُ أَوۡ نَرَىٰ رَبَّنَاۗ لَقَدِ ٱسۡتَكۡبَرُواْ فِيٓ أَنفُسِهِمۡ وَعَتَوۡ عُتُوّٗا كَبِيرٗا ﴿21﴾

Transliteration: Waqala allatheena la yarjoona liqaana lawla onzila AAalayna almalaikatu aw nara rabbana laqadi istakbaroo fee anfusihim waAAataw AAutuwwan kabeeran

Translation: Abatizeye ko inyuma yo gupfa bazohura na Twe Allah, baratangaye bavuga bati: “Burya Imana Allah, ntiyari gupfuma Itumanurira abamalayika bemeza ukuri kwa Muhamadi bakamwitsa, canke tukabona Imana yacu Rurema ukuri kwamye, Igaheza Ikatwibwirira ko Muhamadi ari Intumwa vy’ukuri!”. Ni ukuri, barimonogoje mu kugira amanyama aho bubahutse kuvuga iryo jambo, baranarendegeye bararenza mu bugarariji.

25:22

يَوۡمَ يَرَوۡنَ ٱلۡمَلَـٰٓئِكَةَ لَا بُشۡرَىٰ يَوۡمَئِذٖ لِّلۡمُجۡرِمِينَ وَيَقُولُونَ حِجۡرٗا مَّحۡجُورٗا ﴿22﴾

Transliteration: Yawma yarawna almalaikata la bushra yawmaithin lilmujrimeena wayaqooloona hijran mahjooran

Translation: Umusi bazoba bari ku mpfiro bakabona abamalayika, no mu gihe bazoba bari mu mva, vyongeye no ku musi w’izuka, maze bakababona baremye uko batabaziga, uyo musi ntibazobaha inkuru ihumuriza namba, bazobaha inkuru y’incamugongo bati: “Ubwami bw’ijuru mubwibagire, ni ikizira kuri mwebwe!”.

25:23

وَقَدِمۡنَآ إِلَىٰ مَا عَمِلُواْ مِنۡ عَمَلٖ فَجَعَلۡنَٰهُ هَبَآءٗ مَّنثُورًا ﴿23﴾

Transliteration: Waqadimna ila ma AAamiloo min AAamalin fajaAAalnahu habaan manthooran

Translation: Tuzoheza rero Twebwe Allah, Dufate ivyo bakoze bibaza ko ari vyiza, Tubigire impfagusa bitumuke nk’inkungugu kuko bitigeze vyemerwa[1].

25:24

أَصۡحَٰبُ ٱلۡجَنَّةِ يَوۡمَئِذٍ خَيۡرٞ مُّسۡتَقَرّٗا وَأَحۡسَنُ مَقِيلٗا ﴿24﴾

Transliteration: Ashabu aljannati yawmaithin khayrun mustaqarran waahsanu maqeelan

Translation: Kuri uwo musi w’izuka, abantu bo mu Bwami bw’ijuru, bazoronka ubushikiro bwiza buruta ubw’abantu bo mu muriro, bazoronka n’icumbi riteye igomwe.

25:25

وَيَوۡمَ تَشَقَّقُ ٱلسَّمَآءُ بِٱلۡغَمَٰمِ وَنُزِّلَ ٱلۡمَلَـٰٓئِكَةُ تَنزِيلًا ﴿25﴾

Transliteration: Wayawma tashaqqaqu alssamao bialghamami wanuzzila almalaikatu tanzeelan

Translation: Ntumwa y’Imana! Ibuka n’umusi ijuru ryasadaguritse hakibonekeza mu migaga yaryo ibicu vyererana, abamalayika na bo bakamanuka ku bwinshi, kugira bakikuze ibiremwa kw’iyegeranirizo, maze Imana Allah Igaseruka mu buryo buberanye n'icubahiro cayo kugira Ibitunganirize.

25:26

ٱلۡمُلۡكُ يَوۡمَئِذٍ ٱلۡحَقُّ لِلرَّحۡمَٰنِۚ وَكَانَ يَوۡمًا عَلَى ٱلۡكَٰفِرِينَ عَسِيرٗا ﴿26﴾

Transliteration: Almulku yawmaithin alhaqqu lilrrahmani wakana yawman AAala alkafireena AAaseeran

Translation: Inganji y’ubwami bw’ukuri kuri uyo musi, ni iya Nyenimpuhwe Allah; kandi nya musi, uzoba ugoye cane ku bagarariji bitewe n’ibihano bibarindiriye.

25:27

وَيَوۡمَ يَعَضُّ ٱلظَّالِمُ عَلَىٰ يَدَيۡهِ يَقُولُ يَٰلَيۡتَنِي ٱتَّخَذۡتُ مَعَ ٱلرَّسُولِ سَبِيلٗا ﴿27﴾

Transliteration: Wayawma yaAAaddu alththalimu AAala yadayhi yaqoolu ya laytanee ittakhathtu maAAa alrrasooli sabeelan

Translation: Ntumwa y’Imana! Ibuka kandi umusi umuntu yirenganije mw'igarariza, azokubita urutoke yihebuye akavuga ati: “Amagorwa arama yemwe! Ese iyo nkurikira Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) mu gukurikira inzira y’ubwislamu iganisha mu Bwami bw’ijuru!

25:28

يَٰوَيۡلَتَىٰ لَيۡتَنِي لَمۡ أَتَّخِذۡ فُلَانًا خَلِيلٗا ﴿28﴾

Transliteration: Ya waylata laytanee lam attakhith fulanan khaleelan

Translation: Karadereye yemwe! Iyo menya sinari gucudika na kanaka ngo ndamugire umugenzi pfampfe!

25:29

لَّقَدۡ أَضَلَّنِي عَنِ ٱلذِّكۡرِ بَعۡدَ إِذۡ جَآءَنِيۗ وَكَانَ ٱلشَّيۡطَٰنُ لِلۡإِنسَٰنِ خَذُولٗا ﴿29﴾

Transliteration: Laqad adallanee AAani alththikri baAAda ith jaanee wakana alshshaytanu lilinsani khathoolan

Translation: Ni ukuri, yarampubishije mu kudakurikira Qor’ani kandi yaranshikiriye”. Burya rero shetani, yamye ari umuhemu kuri kiremwa-muntu[2].

25:30

وَقَالَ ٱلرَّسُولُ يَٰرَبِّ إِنَّ قَوۡمِي ٱتَّخَذُواْ هَٰذَا ٱلۡقُرۡءَانَ مَهۡجُورٗا ﴿30﴾

Transliteration: Waqala alrrasoolu ya rabbi inna qawmee ittakhathoo hatha alqurana mahjooran

Translation: Intumwa y’Imana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yaganyiye Imana Allah ku mabi yakozwe n’abantu bayo iti: “Mana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri, abantu banje barahunze iyi Qor’ani mu kwirengagiza kuyishira mu ngiro no kuyigisha[3]”.

25:31

وَكَذَٰلِكَ جَعَلۡنَا لِكُلِّ نَبِيٍّ عَدُوّٗا مِّنَ ٱلۡمُجۡرِمِينَۗ وَكَفَىٰ بِرَبِّكَ هَادِيٗا وَنَصِيرٗا ﴿31﴾

Transliteration: Wakathalika jaAAalna likulli nabiyyin AAaduwwan mina almujrimeena wakafa birabbika hadiyan wanaseeran

Translation: Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twakugeneye abansi bakurwanya mu bantu bawe - Twageneye Umuvugishwamana wese abansi mu bigaba vy’abantu biwe; bihanganire rero nk’uko na bo nyene babihanganiye. Burya Imana yawe Rurema Allah, Irakwiye kukubera Indongozi n’Umutabazi[4].

25:32

وَقَالَ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ لَوۡلَا نُزِّلَ عَلَيۡهِ ٱلۡقُرۡءَانُ جُمۡلَةٗ وَٰحِدَةٗۚ كَذَٰلِكَ لِنُثَبِّتَ بِهِۦ فُؤَادَكَۖ وَرَتَّلۡنَٰهُ تَرۡتِيلٗا ﴿32﴾

Transliteration: Waqala allatheena kafaroo lawla nuzzila AAalayhi alquranu jumlatan wahidatan kathalika linuthabbita bihi fuadaka warattalnahu tarteelan

Translation: Abagararije bavuze bati: “Imana Allah, ntiyari gupfuma Imanurira rimwe Qor’ani kuri Muhamadi nka kurya Yamanuriye rimwe Tawurati, Injili na Zaburi!”. Ntumwa y’Imana! Ni ukwo nyene rero Twakumanuriye Qor’ani bukebuke mu bihe bitandukanye, kugira Dutsimbataze umushaha wawe mu kuyizigama; Twaranayigutomoreye ido n’ido mu bwitonzi, ingingo ku yindi.

25:33

وَلَا يَأۡتُونَكَ بِمَثَلٍ إِلَّا جِئۡنَٰكَ بِٱلۡحَقِّ وَأَحۡسَنَ تَفۡسِيرًا ﴿33﴾

Transliteration: Wala yatoonaka bimathalin illa jinaka bialhaqqi waahsana tafseeran

Translation: Ntumwa y’Imana! Ababangikanyamana, ntibazokwigera bakuzanira iciyumviro gitera abantu amazinda mu kwemera ukuri wazanye, kiretse ko Twebwe Allah Tuzoguha inyishu y’ukuri kandi itomoye bikwiye mu kubeshuza nya ciyumviro.

25:34

ٱلَّذِينَ يُحۡشَرُونَ عَلَىٰ وُجُوهِهِمۡ إِلَىٰ جَهَنَّمَ أُوْلَـٰٓئِكَ شَرّٞ مَّكَانٗا وَأَضَلُّ سَبِيلٗا ﴿34﴾

Transliteration: Allatheena yuhsharoona AAala wujoohihim ila jahannama olaika sharrun makanan waadallu sabeelan

Translation: Ababangikanyamana bazokwegerwa mu muriro wa Jahannamu bubitse inda, ni na bo rero bagenewe ikibanza kibi cane mu muriro, baranahuvye koko inzira y’ukuri.

25:35

وَلَقَدۡ ءَاتَيۡنَا مُوسَى ٱلۡكِتَٰبَ وَجَعَلۡنَا مَعَهُۥٓ أَخَاهُ هَٰرُونَ وَزِيرٗا ﴿35﴾

Transliteration: Walaqad atayna moosa alkitaba wajaAAalna maAAahu akhahu haroona wazeeran

Translation: Ni ukuri Twebwe Allah, Twarahaye Musa Igitabu ca Tawurati, Turaheza Tumugirira na murumunawe Haruna kuba umufasha wiwe;

25:36

فَقُلۡنَا ٱذۡهَبَآ إِلَى ٱلۡقَوۡمِ ٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَا فَدَمَّرۡنَٰهُمۡ تَدۡمِيرٗا ﴿36﴾

Transliteration: Faqulna ithhaba ila alqawmi allatheena kaththaboo biayatina fadammarnahum tadmeeran

Translation: Ni ho Twababwira bompi Duti: “Nimugende rero kwa Firawuni hamwe n’abantu biwe, bahakanye bivuye inyuma ivyemezo vyerekana ubushobozi n’ubumana vyacu”. Bamaze kugenda kubararikira ukwemera Imana Imwe Rudende Allah no kuyisenga batayibangikanya, baragararije maze Duca Turabahonya nya guhonya.

25:37

وَقَوۡمَ نُوحٖ لَّمَّا كَذَّبُواْ ٱلرُّسُلَ أَغۡرَقۡنَٰهُمۡ وَجَعَلۡنَٰهُمۡ لِلنَّاسِ ءَايَةٗۖ وَأَعۡتَدۡنَا لِلظَّـٰلِمِينَ عَذَابًا أَلِيمٗا ﴿37﴾

Transliteration: Waqawma noohin lamma kaththaboo alrrusula aghraqnahum wajaAAalnahum lilnnasi ayatan waaAAtadna lilththalimeena AAathaban aleeman

Translation: N’abantu barungikiwe Nuhu, igihe bahakana bivuye inyuma Nuhu bagafatwa nk’uko bahakanye Intumwa zose, Twabahonesheje isegenya. Ihanwa ryabo rero, Twarigize inkebuzo ku bantu; no ku musi w’izuka, Twabategekanirije ibihano bibabaza.

25:38

وَعَادٗا وَثَمُودَاْ وَأَصۡحَٰبَ ٱلرَّسِّ وَقُرُونَۢا بَيۡنَ ذَٰلِكَ كَثِيرٗا ﴿38﴾

Transliteration: WaAAadan wathamooda waashaba alrrassi waquroonan bayna thalika katheeran

Translation: Twaranahoneje Bene Aadi barungikiwe Huudi, Bene Thamuudi barungikiwe Swalehe na Beniriba, hamwe rero n’iyindi migwi myinshi y’abantu yagiye irabaho hagati y’iyo migwi, ikagarariza Intumwa yarungikiwe;

25:39

وَكُلّٗا ضَرَبۡنَا لَهُ ٱلۡأَمۡثَٰلَۖ وَكُلّٗا تَبَّرۡنَا تَتۡبِيرٗا ﴿39﴾

Transliteration: Wakullan darabna lahu alamthala wakullan tabbarna tatbeeran

Translation: Iyo migwi yose rero y’abantu, Twarayitomoreye ivyemezo vyacu kugira ntigire icitwazo co kutamenya. Hamwe n’ivyo, nya migwi yaragararije Duca Turayihonya nya guhonya.

25:40

وَلَقَدۡ أَتَوۡاْ عَلَى ٱلۡقَرۡيَةِ ٱلَّتِيٓ أُمۡطِرَتۡ مَطَرَ ٱلسَّوۡءِۚ أَفَلَمۡ يَكُونُواْ يَرَوۡنَهَاۚ بَلۡ كَانُواْ لَا يَرۡجُونَ نُشُورٗا ﴿40﴾

Transliteration: Walaqad ataw AAala alqaryati allatee omtirat matara alssawi afalam yakoonoo yarawnaha bal kanoo la yarjoona nushooran

Translation: Ni ukuri, ababangikanyamana b’i Makka mu ruja n’uruza rwabo, baraciye ahari agacimbiri ka Saduma ahahoze haba abantu ba Luutwi, nya gacimbiri kahoneshejwe mu guhabwa igihano co gucucagirwa amabuye azananye mu kirere, abantu ntibaheza ngo bikebuke ku vyo babonye, ahubwo ntibigeze bizera ko bazozuka bagahemberwa ivyo bakoze.

25:41

وَإِذَا رَأَوۡكَ إِن يَتَّخِذُونَكَ إِلَّا هُزُوًا أَهَٰذَا ٱلَّذِي بَعَثَ ٱللَّهُ رَسُولًا ﴿41﴾

Transliteration: Waitha raawka in yattakhithoonaka illa huzuwan ahatha allathee baAAatha Allahu rasoolan

Translation: Ntumwa y’Imana! Iyo abahakanyi bakubonye, baraguteburako n’agasuzuguro n’akantu bakavuga bati: “Mbega uyu ni we avuga ko yarungitswe n’Imana Allah kutubera Intumwa!

25:42

إِن كَادَ لَيُضِلُّنَا عَنۡ ءَالِهَتِنَا لَوۡلَآ أَن صَبَرۡنَا عَلَيۡهَاۚ وَسَوۡفَ يَعۡلَمُونَ حِينَ يَرَوۡنَ ٱلۡعَذَابَ مَنۡ أَضَلُّ سَبِيلًا ﴿42﴾

Transliteration: In kada layudilluna AAan alihatina lawla an sabarna AAalayha wasawfa yaAAlamoona heena yarawna alAAathaba man adallu sabeelan

Translation: Ni ukuri, yahatswe kuduhubisha ku nyigisho ziwe zitubuza gusenga imana zacu iyo tutazitsimbatarako”. Abahakanyi rero, bazoteba bamenye igihe babonye ibihano bategekanirijwe uwahuvye inzira y’idini ry’ukuri uwo ari we, ko ari bo canke ko ari Muhamadi!

25:43

أَرَءَيۡتَ مَنِ ٱتَّخَذَ إِلَٰهَهُۥ هَوَىٰهُ أَفَأَنتَ تَكُونُ عَلَيۡهِ وَكِيلًا ﴿43﴾

Transliteration: Araayta mani ittakhatha ilahahu hawahu afaanta takoonu AAalayhi wakeelan

Translation: Ntumwa y’Imana! Mbega warabonye igitangaje gusumba! Ni uwagize ivyipfuzo vyiwe kuba ari yo mana yiwe yumvira; none umuntu nk’uyo, wewe womubera umuhagarikizi yotuma yemera Imana Allah!

25:44

أَمۡ تَحۡسَبُ أَنَّ أَكۡثَرَهُمۡ يَسۡمَعُونَ أَوۡ يَعۡقِلُونَۚ إِنۡ هُمۡ إِلَّا كَٱلۡأَنۡعَٰمِ بَلۡ هُمۡ أَضَلُّ سَبِيلًا ﴿44﴾

Transliteration: Am tahsabu anna aktharahum yasmaAAoona aw yaAAqiloona in hum illa kaalanAAami bal hum adallu sabeelan

Translation: Canke wibaza ko abenshi muri bo bumviriza Aayah za Qor’ani bakazizirikana, canke bakazitahura! Bo rero, ni nk’ibitungwa mu kutagira na kimwe ukwumviriza Qor’ani kubunguye, ahubwo mbere bo barahuvye cane inzira gusumba ihuba ry’ibitungwa.

25:45

أَلَمۡ تَرَ إِلَىٰ رَبِّكَ كَيۡفَ مَدَّ ٱلظِّلَّ وَلَوۡ شَآءَ لَجَعَلَهُۥ سَاكِنٗا ثُمَّ جَعَلۡنَا ٱلشَّمۡسَ عَلَيۡهِ دَلِيلٗا ﴿45﴾

Transliteration: Alam tara ila rabbika kayfa madda alththilla walaw shaa lajaAAalahu sakinan thumma jaAAalna alshshamsa AAalayhi daleelan

Translation: Muntu! Mbega ntubona ukuntu Imana yawe Rurema Allah, Ituma igitutu kigenda kiriyongera kuva mu mutwenzi gushika izuba riserutse! Iyo Imana Allah Ishaka, Yari gutuma nya gitutu kitiyongera ntikive aho kiri mu gukurikira izuba. Hanyuma rero Twebwe Allah, Twagize izuba kuba ikimenyetso cerekana ukwiyongera bukebuke kwa nya gitutu;

25:46

ثُمَّ قَبَضۡنَٰهُ إِلَيۡنَا قَبۡضٗا يَسِيرٗا ﴿46﴾

Transliteration: Thumma qabadnahu ilayna qabdan yaseeran

Translation: Hanyuma Tukagenda Tugabanya nya gitutu bukebuke gushika giherengetere.

25:47

وَهُوَ ٱلَّذِي جَعَلَ لَكُمُ ٱلَّيۡلَ لِبَاسٗا وَٱلنَّوۡمَ سُبَاتٗا وَجَعَلَ ٱلنَّهَارَ نُشُورٗا ﴿47﴾

Transliteration: Wahuwa allathee jaAAala lakumu allayla libasan waalnnawma subatan wajaAAala alnnahara nushooran

Translation: Imana Allah, ni Yo Yabagiriye ijoro kuba nk’impuzu ibapfuka umubiri iyo buhwibiye; Ibagirira n’itiro kuba uburuhuko bw’umubiri n’umutima; Ibagirira n’umurango kuba umwanya wo gukwiragira hirya n’ino kw’isi murondera ikibabeshaho.

25:48

وَهُوَ ٱلَّذِيٓ أَرۡسَلَ ٱلرِّيَٰحَ بُشۡرَۢا بَيۡنَ يَدَيۡ رَحۡمَتِهِۦۚ وَأَنزَلۡنَا مِنَ ٱلسَّمَآءِ مَآءٗ طَهُورٗا ﴿48﴾

Transliteration: Wahuwa allathee arsala alrriyaha bushran bayna yaday rahmatihi waanzalna mina alssamai maan tahooran

Translation: Iyo Mana Allah, ni Yo Ituma umuyaga usunika ibicu, ugatanga umwizero w’imvura ko igira igwe ku burenganzira bwayo, maze ibiremwa bikaboneraho kuronka impuhwe zayo. Twaranatumye hagwa n’amazi y’imvura avuye mu bicu azananye mu kirere, amazi mushobora no gukoresha mu kwisukura;

25:49

لِّنُحۡـِۧيَ بِهِۦ بَلۡدَةٗ مَّيۡتٗا وَنُسۡقِيَهُۥ مِمَّا خَلَقۡنَآ أَنۡعَٰمٗا وَأَنَاسِيَّ كَثِيرٗا ﴿49﴾

Transliteration: Linuhyiya bihi baldatan maytan wanusqiyahu mimma khalaqna anAAaman waanasiyya katheeran

Translation: Kugira Tunagishe kandi hakoreshejwe nya mazi y’imvura ibimera aho bitari; gutyo Dutotahaza isi yari yaramaze kugaduka, Duheze kandi Tunyweshe kuri nya mazi n’ibindi biremwa vyinshi Twaremye mu bitungwa no mu bantu.

25:50

وَلَقَدۡ صَرَّفۡنَٰهُ بَيۡنَهُمۡ لِيَذَّكَّرُواْ فَأَبَىٰٓ أَكۡثَرُ ٱلنَّاسِ إِلَّا كُفُورٗا ﴿50﴾

Transliteration: Walaqad sarrafnahu baynahum liyaththakkaroo faaba aktharu alnnasi illa kufooran

Translation: Ni ukuri, Twaratumye imvura igwa mu karere kamwe igatara mu kandi, kugira ababa mu karere yaguyemwo bibuke gushimira Imana Allah, maze n’ababa mu karere nya mvura yataze baheze bikebuke bagaruke bigaye ku Mana Allah. Hamwe n’ivyo rero, abenshi mu bantu baranka guhitamwo kiretse ukugarariza inema z’Imana Allah.

25:51

وَلَوۡ شِئۡنَا لَبَعَثۡنَا فِي كُلِّ قَرۡيَةٖ نَّذِيرٗا ﴿51﴾

Transliteration: Walaw shina labaAAathna fee kulli qaryatin natheeran

Translation: Iyo rero Twebwe Allah Dushaka, Twari kurungika ku bantu bo muri buri gacimbiri Umugabisha abararikira ukwemera Imana Imwe Rudende Allah, ariko rero Ntumwa y’Imana! Twakurungitse ku bantu bose kugira ubashikirize iyi Qor’ani.

25:52

فَلَا تُطِعِ ٱلۡكَٰفِرِينَ وَجَٰهِدۡهُم بِهِۦ جِهَادٗا كَبِيرٗا ﴿52﴾

Transliteration: Fala tutiAAi alkafireena wajahidhum bihi jihadan kabeeran

Translation: Ntumwa y’Imana! Ntukumvire rero abagarariji mu kureka gushikiriza na kimwe mu vyo wategetswe; ahubwo nyabuna, uragira akigoro kadasanzwe mu gushikiriza ubutumwa bw’Imana Allah, uheze witange utiziganya mu kugondoza abagarariji ukoresheje Qor’ani.

25:53

وَهُوَ ٱلَّذِي مَرَجَ ٱلۡبَحۡرَيۡنِ هَٰذَا عَذۡبٞ فُرَاتٞ وَهَٰذَا مِلۡحٌ أُجَاجٞ وَجَعَلَ بَيۡنَهُمَا بَرۡزَخٗا وَحِجۡرٗا مَّحۡجُورٗا ﴿53﴾

Transliteration: Wahuwa allathee maraja albahrayni hatha AAathbun furatun wahatha milhun ojajun wajaAAala baynahuma barzakhan wahijran mahjooran

Translation: Imana Allah ni Yo Yahuje amabahari abiri: iry’amazi y’akanovera atemba neza mu muhogo n’iry’amazi y’icunyunyu; Iraheza Ishira hagati ya nya mabahari, agakingo gatuma ubwoko bumwe bwose bw’amazi butavogera ubundi.

25:54

وَهُوَ ٱلَّذِي خَلَقَ مِنَ ٱلۡمَآءِ بَشَرٗا فَجَعَلَهُۥ نَسَبٗا وَصِهۡرٗاۗ وَكَانَ رَبُّكَ قَدِيرٗا ﴿54﴾

Transliteration: Wahuwa allathee khalaqa mina almai basharan fajaAAalahu nasaban wasihran wakana rabbuka qadeeran

Translation: Ni na Yo Yaremye mu ruvange rw’intanga z’umugabo n’umugore uruvyaro rw’abahungu n’abakobwa, Iraheza Ibagirira n’ubucuti hagati yabo; ubushingiye ku maraso n’ubushingiye ku gushingirana. Burya Imana yawe Rurema Allah, Yamye ari Mushoboravyose mu kurema ico Ishatse.

25:55

وَيَعۡبُدُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِ مَا لَا يَنفَعُهُمۡ وَلَا يَضُرُّهُمۡۗ وَكَانَ ٱلۡكَافِرُ عَلَىٰ رَبِّهِۦ ظَهِيرٗا ﴿55﴾

Transliteration: WayaAAbudoona min dooni Allahi ma la yanfaAAuhum wala yadurruhum wakana alkafiru AAala rabbihi thaheeran

Translation: Hamwe n’ivyo vyemezo vyerekana ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah mu kurema no mu kubeshaho ibiremwa, ntibibuza ko abagarariji basenga mu gishingo c’Imana Allah, ibigirwamana ata co bibamariye mu gihe babisenze, ata n’ico bibicira mu gihe batobisenga. Burya umugarariji, yamye ari umufasha wa shetani mu kubangikanya Imana yiwe Rurema Allah, no guca kubiri n’amabwirizwa yayo.

25:56

وَمَآ أَرۡسَلۡنَٰكَ إِلَّا مُبَشِّرٗا وَنَذِيرٗا ﴿56﴾

Transliteration: Wama arsalnaka illa mubashshiran wanatheeran

Translation: Ntumwa y’Imana! Ntitwanagutumye atari ukugira ngo ube Intumwa ishikiriza inkuru nziza, ihumuriza abemeramana ko bazohabwa Ubwami bw’ijuru, ikanagabisha abagarariji ku bihano vy’Imana Allah.

25:57

قُلۡ مَآ أَسۡـَٔلُكُمۡ عَلَيۡهِ مِنۡ أَجۡرٍ إِلَّا مَن شَآءَ أَن يَتَّخِذَ إِلَىٰ رَبِّهِۦ سَبِيلٗا ﴿57﴾

Transliteration: Qul ma asalukum AAalayhi min ajrin illa man shaa an yattakhitha ila rabbihi sabeelan

Translation: Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire abagarariji uti: “Nta mpembo ndabasavye kw’ishikirizabutumwa ryanje; ariko rero, uwushaka muri mwebwe gutumbera inzira y’ukuri imushikana ku Mana yiwe Rurema Allah, ni ku neza yiwe, nta we mpatira ku kwemera”.

25:58

وَتَوَكَّلۡ عَلَى ٱلۡحَيِّ ٱلَّذِي لَا يَمُوتُ وَسَبِّحۡ بِحَمۡدِهِۦۚ وَكَفَىٰ بِهِۦ بِذُنُوبِ عِبَادِهِۦ خَبِيرًا ﴿58﴾

Transliteration: Watawakkal AAala alhayyi allathee la yamootu wasabbih bihamdihi wakafa bihi bithunoobi AAibadihi khabeeran

Translation: Ntumwa y’Imana! Niwishimikize Nyenubugingobudashira Imana Allah Idapfa, kuko ukwamaho kwayo ntikugira intango canke iherezo, wongere uninahaze Imana yawe Rurema mu kuyishimagiza. Burya Imana Allah, Irakwiye kuba Umuhetuziwavyose ku vyaha bikorwa n’ibiremwa vyayo, nta na kimwe muri vyo Iyobewe.

25:59

ٱلَّذِي خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ وَمَا بَيۡنَهُمَا فِي سِتَّةِ أَيَّامٖ ثُمَّ ٱسۡتَوَىٰ عَلَى ٱلۡعَرۡشِۖ ٱلرَّحۡمَٰنُ فَسۡـَٔلۡ بِهِۦ خَبِيرٗا ﴿59﴾

Transliteration: Allathee khalaqa alssamawati waalarda wama baynahuma fee sittati ayyamin thumma istawa AAala alAAarshi alrrahmanu faisal bihi khabeeran

Translation: Ni Yo Yaremye amajuru indwi n’isi hamwe n’ibiri hagati yavyo mu misi itandatu, hanyuma Iraheza Irahangama hejuru y'ibiremwa vyose ku Buhangamo bwayo "Al’Arsh" mu buryo buberanye n'icubahiro cayo. Ntumwa y’Imana! Ni Yo Nyenimpuhwe, urabaza rero Imana Allah Yo Yonyene ku biyiranga.

25:60

وَإِذَا قِيلَ لَهُمُ ٱسۡجُدُواْۤ لِلرَّحۡمَٰنِ قَالُواْ وَمَا ٱلرَّحۡمَٰنُ أَنَسۡجُدُ لِمَا تَأۡمُرُنَا وَزَادَهُمۡ نُفُورٗا۩ ﴿60﴾

Transliteration: Waitha qeela lahumu osjudoo lilrrahmani qaloo wama alrrahmanu anasjudu lima tamuruna wazadahum nufooran

Translation: Iyo abagarariji babwiwe bati: “Nimwubamire Nyenimpuhwe Allah maze mumusenge”, baca binamura bakavuga bati: “Iyo Mana Allah Nyenimpuhwe nta Yo tuzi namba, dupfe kuyubamira gusa kuko ubidutegetse!”; iryo rarikirwa ryo kwubamira Nyenimpuhwe Allah, ryabongerereje ubugaba bwo kutikebuka ngo bemere[5].

25:61

تَبَارَكَ ٱلَّذِي جَعَلَ فِي ٱلسَّمَآءِ بُرُوجٗا وَجَعَلَ فِيهَا سِرَٰجٗا وَقَمَرٗا مُّنِيرٗا ﴿61﴾

Transliteration: Tabaraka allathee jaAAala fee alssamai buroojan wajaAAala feeha sirajan waqamaran muneeran

Translation: Harakubahwa Nyenimigisha-ntangere, Imana Allah Ibeshejeho ibiremwa, Yo Yaremye mu kirere c’ijuru, inyenyeri amahanga zifise inzira-ntasobwa, Ishira muri nya kirere izuba ryaka n’ukwezi kumurika.

25:62

وَهُوَ ٱلَّذِي جَعَلَ ٱلَّيۡلَ وَٱلنَّهَارَ خِلۡفَةٗ لِّمَنۡ أَرَادَ أَن يَذَّكَّرَ أَوۡ أَرَادَ شُكُورٗا ﴿62﴾

Transliteration: Wahuwa allathee jaAAala allayla waalnnahara khilfatan liman arada an yaththakkara aw arada shukooran

Translation: Ni na Yo Yagize ijoro n’umurango kuba bikurakuranwa mu kubisanya, kugira bibere inkebuzo uwushaka kwikebuka akemera Imana Allah Yabiremye, canke uwushaka kuyishimira ku nema zayo.

25:63

وَعِبَادُ ٱلرَّحۡمَٰنِ ٱلَّذِينَ يَمۡشُونَ عَلَى ٱلۡأَرۡضِ هَوۡنٗا وَإِذَا خَاطَبَهُمُ ٱلۡجَٰهِلُونَ قَالُواْ سَلَٰمٗا ﴿63﴾

Transliteration: WaAAibadu alrrahmani allatheena yamshoona AAala alardi hawnan waitha khatabahumu aljahiloona qaloo salaman

Translation: Abaja beranda ba Nyenimpuhwe Allah, ni barya bagenda kw’isi mw’iteka n’itekane bicishije bugufi; n’iyo hagize abantu b’inshirasoni bababwira nabi, baraheza bakabishura mu bwitonzi ijambo ry’ihumure ritabata mu vyaha;

25:64

وَٱلَّذِينَ يَبِيتُونَ لِرَبِّهِمۡ سُجَّدٗا وَقِيَٰمٗا ﴿64﴾

Transliteration: Waallatheena yabeetoona lirabbihim sujjadan waqiyaman

Translation: Abasenga kenshi amasengesho yo mu gicugu ku bw’Imana yabo Rurema Allah, bicishije bugufi mu gihe bubamye no mu gihe bahagaze;

25:65

وَٱلَّذِينَ يَقُولُونَ رَبَّنَا ٱصۡرِفۡ عَنَّا عَذَابَ جَهَنَّمَۖ إِنَّ عَذَابَهَا كَانَ غَرَامًا ﴿65﴾

Transliteration: Waallatheena yaqooloona rabbana isrif AAanna AAathaba jahannama inna AAathabaha kana gharaman

Translation: Abatakamba basaba Imana Allah bavuga bati: “Mana yacu Rurema Allah! Igiza kure yacu ibihano vy’umuriro wa Jahannamu, mu vy’ukuri nta wutezurirwa ari mu bihano vyawo;

25:66

إِنَّهَا سَآءَتۡ مُسۡتَقَرّٗا وَمُقَامٗا ﴿66﴾

Transliteration: Innaha saat mustaqarran wamuqaman

Translation: Mu vy’ukuri Jahannamu, ni bwo bushikiro n’icumbi bibi cane”;

25:67

وَٱلَّذِينَ إِذَآ أَنفَقُواْ لَمۡ يُسۡرِفُواْ وَلَمۡ يَقۡتُرُواْ وَكَانَ بَيۡنَ ذَٰلِكَ قَوَامٗا ﴿67﴾

Transliteration: Waallatheena itha anfaqoo lam yusrifoo walam yaqturoo wakana bayna thalika qawaman

Translation: Abadasesagura iyo batanze mu matungo yabo canke ngo babe ingumyi, bagaheza rero bagatanga ku rugero ruri hagati na hagati;

25:68

وَٱلَّذِينَ لَا يَدۡعُونَ مَعَ ٱللَّهِ إِلَٰهًا ءَاخَرَ وَلَا يَقۡتُلُونَ ٱلنَّفۡسَ ٱلَّتِي حَرَّمَ ٱللَّهُ إِلَّا بِٱلۡحَقِّ وَلَا يَزۡنُونَۚ وَمَن يَفۡعَلۡ ذَٰلِكَ يَلۡقَ أَثَامٗا ﴿68﴾

Transliteration: Waallatheena la yadAAoona maAAa Allahi ilahan akhara wala yaqtuloona alnnafsa allatee harrama Allahu illa bialhaqqi wala yaznoona waman yafAAal thalika yalqa athaman

Translation: Abasenga Imana Imwe Rudende Allah, batigera bayibangikanya n’ikigirwamana na kimwe, eka ntibicira ubusa n’ikiremwa Imana Allah Yaziririje ko cicwa; kiretse mu gihe hubahirijwe ukuri n’ingingo[6], kandi ntibanasambana. Uwuzokora kimwe muri ivyo vyaha rutura rero, azobihanirwa bikomeye mu buzima bw’inyuma yo gupfa;

25:69

يُضَٰعَفۡ لَهُ ٱلۡعَذَابُ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ وَيَخۡلُدۡ فِيهِۦ مُهَانًا ﴿69﴾

Transliteration: YudaAAaf lahu alAAathabu yawma alqiyamati wayakhlud feehi muhanan

Translation: Aheze agwirizwe n’ibihano ku musi w’izuka, maze abibemwo asuzuguritse ibihe bidahera[7];

25:70

إِلَّا مَن تَابَ وَءَامَنَ وَعَمِلَ عَمَلٗا صَٰلِحٗا فَأُوْلَـٰٓئِكَ يُبَدِّلُ ٱللَّهُ سَيِّـَٔاتِهِمۡ حَسَنَٰتٖۗ وَكَانَ ٱللَّهُ غَفُورٗا رَّحِيمٗا ﴿70﴾

Transliteration: Illa man taba waamana waAAamila AAamalan salihan faolaika yubaddilu Allahu sayyiatihim hasanatin wakana Allahu ghafooran raheeman

Translation: Ariko uwuzokwigaya nya kwigaya akavavanura n’ivyo vyaha, maze akemera vy’ukuri akanakora n’ibikorwa vyiza bitegetswe, uyo rero azoba ari mu bantu Imana Allah Ibabarira ibicumuro vyabo, Ikabihindura ivyiza ha kuba ibibi. Burya Imana Allah, Yamye ari Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo;

25:71

وَمَن تَابَ وَعَمِلَ صَٰلِحٗا فَإِنَّهُۥ يَتُوبُ إِلَى ٱللَّهِ مَتَابٗا ﴿71﴾

Transliteration: Waman taba waAAamila salihan fainnahu yatoobu ila Allahi mataban

Translation: Uwuzokwigaya rero ku Mana Allah ku vyaha yakoze, agaheza agakora n’ivyiza bitegetswe, ni ukuri, azoba agarutse koko ku Mana Allah, kugira Imwakirire ukwigaya kwiwe, Iheze Imubabarire n’ivyaha vyiwe;

25:72

وَٱلَّذِينَ لَا يَشۡهَدُونَ ٱلزُّورَ وَإِذَا مَرُّواْ بِٱللَّغۡوِ مَرُّواْ كِرَامٗا ﴿72﴾

Transliteration: Waallatheena la yashhadoona alzzoora waitha marroo biallaghwi marroo kiraman

Translation: Abatigera baba ivyabona vy’ikinyoma, batanaja n’aho nya kinyoma gisasirwa indava; n’iyo baciye ahavugwa amajambo y’imburakimazi, baraheza bakarengana bakebura mw’iteka n’itekane;

25:73

وَٱلَّذِينَ إِذَا ذُكِّرُواْ بِـَٔايَٰتِ رَبِّهِمۡ لَمۡ يَخِرُّواْ عَلَيۡهَا صُمّٗا وَعُمۡيَانٗا ﴿73﴾

Transliteration: Waallatheena itha thukkiroo biayati rabbihim lam yakhirroo AAalayha summan waAAumyanan

Translation: Na barya iyo bibukijwe Aayah za Qor’ani hamwe n’ivyemezo vy’Imana yabo Rurema Allah, vyerekana ko hariho Imana Imwe Rudende Allah, batavyirengagiza nk’aho boba ari ibitumva canke ibipfamaso, ahubwo barazirikana nya Aayah n’ivyemezo vy’Imana Allah, bagaheza bakicisha bugufi bakayubamira;

25:74

وَٱلَّذِينَ يَقُولُونَ رَبَّنَا هَبۡ لَنَا مِنۡ أَزۡوَٰجِنَا وَذُرِّيَّـٰتِنَا قُرَّةَ أَعۡيُنٖ وَٱجۡعَلۡنَا لِلۡمُتَّقِينَ إِمَامًا ﴿74﴾

Transliteration: Waallatheena yaqooloona rabbana hab lana min azwajina wathurriyyatina qurrata aAAyunin waijAAalna lilmuttaqeena imaman

Translation: Abasaba Imana Allah bavuga bati: “Mana yacu Rurema Allah! Duhe ku bakenyezi bacu no ku ruvyaro rwacu, ibinezereye amaso bituma twamana akamwemwe, Unatugire indongozi z'imboneza zimurikira abagamburukiramana”.

25:75

أُوْلَـٰٓئِكَ يُجۡزَوۡنَ ٱلۡغُرۡفَةَ بِمَا صَبَرُواْ وَيُلَقَّوۡنَ فِيهَا تَحِيَّةٗ وَسَلَٰمًا ﴿75﴾

Transliteration: Olaika yujzawna alghurfata bima sabaroo wayulaqqawna feeha tahiyyatan wasalaman

Translation: Abo barangwa n’izo nyifato nziza rero, ni bo baja beranda ba Nyenimpuhwe Allah; bazohemberwa ku vyo bakoze, Ubwami bw’ijuru bw’iteka ku mpuhwe z’Imana Allah; ku kuntu bihanganiye igamburukiramana. Muri nya Bwami, bazokwakirwa n’indamutso y’amahoro bahawe n’abamalayika;

25:76

خَٰلِدِينَ فِيهَاۚ حَسُنَتۡ مُسۡتَقَرّٗا وَمُقَامٗا ﴿76﴾

Transliteration: Khalideena feeha hasunat mustaqarran wamuqaman

Translation: Bazoba muri nya Bwami ibihe bidahera, ni na bwo bushikiro n’icumbi vyiza cane.

25:77

قُلۡ مَا يَعۡبَؤُاْ بِكُمۡ رَبِّي لَوۡلَا دُعَآؤُكُمۡۖ فَقَدۡ كَذَّبۡتُمۡ فَسَوۡفَ يَكُونُ لِزَامَۢا ﴿77﴾

Transliteration: Qul ma yaAAbao bikum rabbee lawla duAAaokum faqad kaththabtum fasawfa yakoonu lizaman

Translation: Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire abantu uti: “Imana yanje Rurema Allah nta co Yokwitwararitse ku bantu, iyo hataba ukuyiyegereza mu vyo bakora vyose banayisenga bayisaba. Emwe bagarariji! Mu vy’ukuri, mwaramaze guhakana mwivuye inyuma; ihakana ryanyu, rizotuma muhabwa ibihano mutazopfa mwikuyemwo kw’isi, no mu buzima bw’inyuma yo gupfa”.

Transliteration source: English Transliteration by Tanzil. Used under Tanzil's non-commercial terms; see the source and latest updates at Tanzil. Tanzil translation download