39:1تَنزِيلُ ٱلۡكِتَٰبِ مِنَ ٱللَّهِ ٱلۡعَزِيزِ ٱلۡحَكِيمِ ﴿1﴾تَنزِيلُ ٱلۡكِتَٰبِ مِنَ ٱللَّهِ ٱلۡعَزِيزِ ٱلۡحَكِيمِ
Transliteration: Tanzeelu alkitabi mina Allahi alAAazeezi alhakeemi
Translation: Ihishurwa ry’iki Gitabu ca Qor’ani ryavuye ku Mana Allah, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.
39:2إِنَّآ أَنزَلۡنَآ إِلَيۡكَ ٱلۡكِتَٰبَ بِٱلۡحَقِّ فَٱعۡبُدِ ٱللَّهَ مُخۡلِصٗا لَّهُ ٱلدِّينَ ﴿2﴾إِنَّآ أَنزَلۡنَآ إِلَيۡكَ ٱلۡكِتَٰبَ بِٱلۡحَقِّ فَٱعۡبُدِ ٱللَّهَ مُخۡلِصٗا لَّهُ ٱلدِّينَ
Transliteration: Inna anzalna ilayka alkitaba bialhaqqi faoAAbudi Allaha mukhlisan lahu alddeena
Translation: Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twakumanuriye Qor’ani vy’ukuri. Kubera ivyo rero, niwiyegereze Imana Allah mu vyo ukora vyose, unayisenge ari Imwe Rudende, weze n’ivyo ugira vyose ku bwayo.
39:3أَلَا لِلَّهِ ٱلدِّينُ ٱلۡخَالِصُۚ وَٱلَّذِينَ ٱتَّخَذُواْ مِن دُونِهِۦٓ أَوۡلِيَآءَ مَا نَعۡبُدُهُمۡ إِلَّا لِيُقَرِّبُونَآ إِلَى ٱللَّهِ زُلۡفَىٰٓ إِنَّ ٱللَّهَ يَحۡكُمُ بَيۡنَهُمۡ فِي مَا هُمۡ فِيهِ يَخۡتَلِفُونَۗ إِنَّ ٱللَّهَ لَا يَهۡدِي مَنۡ هُوَ كَٰذِبٞ كَفَّارٞ ﴿3﴾أَلَا لِلَّهِ ٱلدِّينُ ٱلۡخَالِصُۚ وَٱلَّذِينَ ٱتَّخَذُواْ مِن دُونِهِۦٓ أَوۡلِيَآءَ مَا نَعۡبُدُهُمۡ إِلَّا لِيُقَرِّبُونَآ إِلَى ٱللَّهِ زُلۡفَىٰٓ إِنَّ ٱللَّهَ يَحۡكُمُ بَيۡنَهُمۡ فِي مَا هُمۡ فِيهِ يَخۡتَلِفُونَۗ إِنَّ ٱللَّهَ لَا يَهۡدِي مَنۡ هُوَ كَٰذِبٞ كَفَّارٞ
Transliteration: Ala lillahi alddeenu alkhalisu waallatheena ittakhathoo min doonihi awliyaa ma naAAbuduhum illa liyuqarriboona ila Allahi zulfa inna Allaha yahkumu baynahum fee ma hum feehi yakhtalifoona inna Allaha la yahdee man huwa kathibun kaffarun
Translation: Bantu, nimwumve mwumvireho! Iyumviramana rizira ibangikanya, rikwiye Imana Allah. Nayo abayibangikanya bakigirira mu gishingo cayo abahagarikizi, barinamura bati: “Ntitubangikanya Imana Allah mu gusenga izo mana atari ukugira ngo zidushikane kuri Yo, maze tube hafi yayo”, gutyo bakaba baragararije. Mu vy’ukuri ku musi w’izuka, Imana Allah Izoca urugororotse hagati y’abemeramana n’ababangikanyamana ku vyo bahora bahazanako mw’idini bakiri kw’isi, hanyuma Ihembere umwumwe wese muri bo ivyo yakoze. Mu vy’ukuri Imana Allah, ntishoboza gutumbera inzira yayo uwuyirementaniriza, akagarariza yivuye inyuma ivyemezo vyayo.
39:4لَّوۡ أَرَادَ ٱللَّهُ أَن يَتَّخِذَ وَلَدٗا لَّٱصۡطَفَىٰ مِمَّا يَخۡلُقُ مَا يَشَآءُۚ سُبۡحَٰنَهُۥۖ هُوَ ٱللَّهُ ٱلۡوَٰحِدُ ٱلۡقَهَّارُ ﴿4﴾لَّوۡ أَرَادَ ٱللَّهُ أَن يَتَّخِذَ وَلَدٗا لَّٱصۡطَفَىٰ مِمَّا يَخۡلُقُ مَا يَشَآءُۚ سُبۡحَٰنَهُۥۖ هُوَ ٱللَّهُ ٱلۡوَٰحِدُ ٱلۡقَهَّارُ
Transliteration: Law arada Allahu an yattakhitha waladan laistafa mimma yakhluqu ma yashao subhanahu huwa Allahu alwahidu alqahharu
Translation: Iyo rero Imana Allah Ishaka kwigenera umwana, Yari guhitamwo mu biremwa vyayo uwo Ishatse. Ukuninahazwa ni ukw’Imana Allah, kurengeye cane kuba Yokwigenera umwana! Imana Allah ni Nyarudende, Nyeninkomezi-ntangere;
39:5خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ بِٱلۡحَقِّۖ يُكَوِّرُ ٱلَّيۡلَ عَلَى ٱلنَّهَارِ وَيُكَوِّرُ ٱلنَّهَارَ عَلَى ٱلَّيۡلِۖ وَسَخَّرَ ٱلشَّمۡسَ وَٱلۡقَمَرَۖ كُلّٞ يَجۡرِي لِأَجَلٖ مُّسَمًّىۗ أَلَا هُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلۡغَفَّـٰرُ ﴿5﴾خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ بِٱلۡحَقِّۖ يُكَوِّرُ ٱلَّيۡلَ عَلَى ٱلنَّهَارِ وَيُكَوِّرُ ٱلنَّهَارَ عَلَى ٱلَّيۡلِۖ وَسَخَّرَ ٱلشَّمۡسَ وَٱلۡقَمَرَۖ كُلّٞ يَجۡرِي لِأَجَلٖ مُّسَمًّىۗ أَلَا هُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلۡغَفَّـٰرُ
Transliteration: Khalaqa alssamawati waalarda bialhaqqi yukawwiru allayla AAala alnnahari wayukawwiru alnnahara AAala allayli wasakhkhara alshshamsa waalqamara kullun yajree liajalin musamman ala huwa alAAazeezu alghaffaru
Translation: Imana Allah, Yaremye vy’ukuri amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo, Iserura ijoro ahavuye umurango, Igaserura umurango ahavuye ijoro. Yaranaremye izuba n’ukwezi, kimwe cose gica mu nzira-ntasobwa yaco kugera kw’isango ryagezwe. Bantu, nimwumve mwumvireho! Burya Imana Allah Yaremye ivyo vyose, ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazinyinshi;
39:6خَلَقَكُم مِّن نَّفۡسٖ وَٰحِدَةٖ ثُمَّ جَعَلَ مِنۡهَا زَوۡجَهَا وَأَنزَلَ لَكُم مِّنَ ٱلۡأَنۡعَٰمِ ثَمَٰنِيَةَ أَزۡوَٰجٖۚ يَخۡلُقُكُمۡ فِي بُطُونِ أُمَّهَٰتِكُمۡ خَلۡقٗا مِّنۢ بَعۡدِ خَلۡقٖ فِي ظُلُمَٰتٖ ثَلَٰثٖۚ ذَٰلِكُمُ ٱللَّهُ رَبُّكُمۡ لَهُ ٱلۡمُلۡكُۖ لَآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَۖ فَأَنَّىٰ تُصۡرَفُونَ ﴿6﴾خَلَقَكُم مِّن نَّفۡسٖ وَٰحِدَةٖ ثُمَّ جَعَلَ مِنۡهَا زَوۡجَهَا وَأَنزَلَ لَكُم مِّنَ ٱلۡأَنۡعَٰمِ ثَمَٰنِيَةَ أَزۡوَٰجٖۚ يَخۡلُقُكُمۡ فِي بُطُونِ أُمَّهَٰتِكُمۡ خَلۡقٗا مِّنۢ بَعۡدِ خَلۡقٖ فِي ظُلُمَٰتٖ ثَلَٰثٖۚ ذَٰلِكُمُ ٱللَّهُ رَبُّكُمۡ لَهُ ٱلۡمُلۡكُۖ لَآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَۖ فَأَنَّىٰ تُصۡرَفُونَ
Transliteration: Khalaqakum min nafsin wahidatin thumma jaAAala minha zawjaha waanzala lakum mina alanAAami thamaniyata azwajin yakhluqukum fee butooni ommahatikum khalqan min baAAdi khalqin fee thulumatin thalathin thalikumu Allahu rabbukum lahu almulku la ilaha illa huwa faanna tusrafoona
Translation: Bantu! Imana Allah, Yabaremye Ibakomoye kuri Adamu, maze Irema muri we umukenyezi wiwe. Iraheza Ibaremera n’amoko y’ibitungwa umunani; igitsina-gabo n’igitsina-gore mu ngamiya, mu nka, mu ntama no mu mpene. Iraheza Ibarema intambwe ku yindi mukiri mu nda za ba nyoko mu myijima itatu: umwijima wo mu nda, uw’igitereko n’uwingovyi. Imana Yaremye ivyo rero, ni Yo Mana yanyu Rurema Allah, Nyenubwami, nta mana yindi ibwirijwe gusengwa atari Yo. Ni gute mureka gusenga Imana Imwe Rudende Allah, mugahitamwo kuyibangikanya!
39:7إِن تَكۡفُرُواْ فَإِنَّ ٱللَّهَ غَنِيٌّ عَنكُمۡۖ وَلَا يَرۡضَىٰ لِعِبَادِهِ ٱلۡكُفۡرَۖ وَإِن تَشۡكُرُواْ يَرۡضَهُ لَكُمۡۗ وَلَا تَزِرُ وَازِرَةٞ وِزۡرَ أُخۡرَىٰۚ ثُمَّ إِلَىٰ رَبِّكُم مَّرۡجِعُكُمۡ فَيُنَبِّئُكُم بِمَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَۚ إِنَّهُۥ عَلِيمُۢ بِذَاتِ ٱلصُّدُورِ ﴿7﴾إِن تَكۡفُرُواْ فَإِنَّ ٱللَّهَ غَنِيٌّ عَنكُمۡۖ وَلَا يَرۡضَىٰ لِعِبَادِهِ ٱلۡكُفۡرَۖ وَإِن تَشۡكُرُواْ يَرۡضَهُ لَكُمۡۗ وَلَا تَزِرُ وَازِرَةٞ وِزۡرَ أُخۡرَىٰۚ ثُمَّ إِلَىٰ رَبِّكُم مَّرۡجِعُكُمۡ فَيُنَبِّئُكُم بِمَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَۚ إِنَّهُۥ عَلِيمُۢ بِذَاتِ ٱلصُّدُورِ
Transliteration: In takfuroo fainna Allaha ghaniyyun AAankum wala yarda liAAibadihi alkufra wain tashkuroo yardahu lakum wala taziru waziratun wizra okhra thumma ila rabbikum marjiAAukum fayunabbiokum bima kuntum taAAmaloona innahu AAaleemun bithati alssudoori
Translation: Bantu! Nimwaramuka rero mugararije mu kutayemera no mu kutemera Intumwa zayo, muramenya ko mu vy’ukuri Imana Allah, Yikwije mu bumana bwayo ata n’ico Ibakeneyeko, kanatsinda ni mwebwe muyikeneye mu kubaho kwanyu, kandi ntishima namba ko abaja bayo bayigarariza; nimwayishimira rero mukanayigamburukira, Izobibashimira. Kandi nta n’umwe azohanirwa icaha c’uwundi, hanyuma muzokwegeranirizwa ku Mana yanyu Rurema Allah, Iheze Ibabwire ivyo mwakoze maze Ibibahembere. Mu vy’ukuri Imana Allah, Irazi ibihishijwe mu mishaha.
39:8وَإِذَا مَسَّ ٱلۡإِنسَٰنَ ضُرّٞ دَعَا رَبَّهُۥ مُنِيبًا إِلَيۡهِ ثُمَّ إِذَا خَوَّلَهُۥ نِعۡمَةٗ مِّنۡهُ نَسِيَ مَا كَانَ يَدۡعُوٓاْ إِلَيۡهِ مِن قَبۡلُ وَجَعَلَ لِلَّهِ أَندَادٗا لِّيُضِلَّ عَن سَبِيلِهِۦۚ قُلۡ تَمَتَّعۡ بِكُفۡرِكَ قَلِيلًا إِنَّكَ مِنۡ أَصۡحَٰبِ ٱلنَّارِ ﴿8﴾۞وَإِذَا مَسَّ ٱلۡإِنسَٰنَ ضُرّٞ دَعَا رَبَّهُۥ مُنِيبًا إِلَيۡهِ ثُمَّ إِذَا خَوَّلَهُۥ نِعۡمَةٗ مِّنۡهُ نَسِيَ مَا كَانَ يَدۡعُوٓاْ إِلَيۡهِ مِن قَبۡلُ وَجَعَلَ لِلَّهِ أَندَادٗا لِّيُضِلَّ عَن سَبِيلِهِۦۚ قُلۡ تَمَتَّعۡ بِكُفۡرِكَ قَلِيلًا إِنَّكَ مِنۡ أَصۡحَٰبِ ٱلنَّارِ
Transliteration: Waitha massa alinsana durrun daAAa rabbahu muneeban ilayhi thumma itha khawwalahu niAAmatan minhu nasiya ma kana yadAAoo ilayhi min qablu wajaAAala lillahi andadan liyudilla AAan sabeelihi qul tamattaAA bikufrika qaleelan innaka min ashabi alnnari
Translation: Iyo umuntu akozweko n’ivyago, aca yibuka Imana yiwe Rurema Allah, maze akayisaba ayitakambira ngo Ibimukureko; Igize ngo Iramwumviye mu kubimukurako, Ikamuha inema zayo, aca yibagira ibisabisho yahora agira, agaheza akayibangikanya n’ibigirwamana, kugira ahubishe abantu inzira y’ukwemera n’iy’igamburukiramana. Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Ryoherwa gato n’ubugarariji bwawe gushika upfe, wewe mu vy’ukuri, uri mu bantu bo mu muriro udahera”.
39:9أَمَّنۡ هُوَ قَٰنِتٌ ءَانَآءَ ٱلَّيۡلِ سَاجِدٗا وَقَآئِمٗا يَحۡذَرُ ٱلۡأٓخِرَةَ وَيَرۡجُواْ رَحۡمَةَ رَبِّهِۦۗ قُلۡ هَلۡ يَسۡتَوِي ٱلَّذِينَ يَعۡلَمُونَ وَٱلَّذِينَ لَا يَعۡلَمُونَۗ إِنَّمَا يَتَذَكَّرُ أُوْلُواْ ٱلۡأَلۡبَٰبِ ﴿9﴾أَمَّنۡ هُوَ قَٰنِتٌ ءَانَآءَ ٱلَّيۡلِ سَاجِدٗا وَقَآئِمٗا يَحۡذَرُ ٱلۡأٓخِرَةَ وَيَرۡجُواْ رَحۡمَةَ رَبِّهِۦۗ قُلۡ هَلۡ يَسۡتَوِي ٱلَّذِينَ يَعۡلَمُونَ وَٱلَّذِينَ لَا يَعۡلَمُونَۗ إِنَّمَا يَتَذَكَّرُ أُوْلُواْ ٱلۡأَلۡبَٰبِ
Transliteration: Amman huwa qanitun anaa allayli sajidan waqaiman yahtharu alakhirata wayarjoo rahmata rabbihi qul hal yastawee allatheena yaAAlamoona waallatheena la yaAAlamoona innama yatathakkaru oloo alalbabi
Translation: Mbega burya umugarariji aryoherwa gato mu bugarariji bwiwe, ni we ntore ku Mana Allah, canke intore ni uwicisha bugufi kuri Yo, akayisenga ayubamira mu gicugu, atinya n'ibihano vyo mu buzima bw’inyuma yo gupfa, yizeye no kugirirwa impuhwe n’Imana yiwe Rurema Allah! Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Mbega burya abazi Imana Allah bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, hari aho banganiye mu butore n’ubutoni n’abatayizi batubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ihibambewe, ntibashobora kungana”. Ni ukuri, abibuka bagatandukanya icatsi n’ururo, ni abanyabwenge koko.
39:10قُلۡ يَٰعِبَادِ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ ٱتَّقُواْ رَبَّكُمۡۚ لِلَّذِينَ أَحۡسَنُواْ فِي هَٰذِهِ ٱلدُّنۡيَا حَسَنَةٞۗ وَأَرۡضُ ٱللَّهِ وَٰسِعَةٌۗ إِنَّمَا يُوَفَّى ٱلصَّـٰبِرُونَ أَجۡرَهُم بِغَيۡرِ حِسَابٖ ﴿10﴾قُلۡ يَٰعِبَادِ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ ٱتَّقُواْ رَبَّكُمۡۚ لِلَّذِينَ أَحۡسَنُواْ فِي هَٰذِهِ ٱلدُّنۡيَا حَسَنَةٞۗ وَأَرۡضُ ٱللَّهِ وَٰسِعَةٌۗ إِنَّمَا يُوَفَّى ٱلصَّـٰبِرُونَ أَجۡرَهُم بِغَيۡرِ حِسَابٖ
Transliteration: Qul ya AAibadi allatheena amanoo ittaqoo rabbakum lillatheena ahsanoo fee hathihi alddunya hasanatun waardu Allahi wasiAAatun innama yuwaffa alssabiroona ajrahum bighayri hisabin
Translation: Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire abaja banje b’abemeramana uti: “Nimugamburukire Imana yanyu Rurema Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo”. Abarangwa n’ubugwaneza, baragenewe ukuroranirwa mu buzima bwo kw’isi hamwe rero n’Ubwami bw’ijuru mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Kubera ivyo rero, isi y’Imana Allah iragutse, nimwaburabuzwa mu kwemera kwanyu, muraheza mwimukire aho mwidegemvya mw’idini. Ni ukuri abihanganira iyubahirizwa ry’amabwirizwa y’Imana Allah, mu buzima bw’inyuma yo gupfa bazohabwa impembo nta ngere.
39:11قُلۡ إِنِّيٓ أُمِرۡتُ أَنۡ أَعۡبُدَ ٱللَّهَ مُخۡلِصٗا لَّهُ ٱلدِّينَ ﴿11﴾قُلۡ إِنِّيٓ أُمِرۡتُ أَنۡ أَعۡبُدَ ٱللَّهَ مُخۡلِصٗا لَّهُ ٱلدِّينَ
Transliteration: Qul innee omirtu an aAAbuda Allaha mukhlisan lahu alddeena
Translation: Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire abantu bose uti: “Mu vy’ukuri Imana Allah, Yantegetse jewe hamwe n’abankurikiye kuyiyegereza mu vyo dukora vyose tunayisenga ari Imwe Rudende, tweza n’ivyo tugira vyose ku bwayo;
39:12وَأُمِرۡتُ لِأَنۡ أَكُونَ أَوَّلَ ٱلۡمُسۡلِمِينَ ﴿12﴾وَأُمِرۡتُ لِأَنۡ أَكُونَ أَوَّلَ ٱلۡمُسۡلِمِينَ
Transliteration: Waomirtu lian akoona awwala almuslimeena
Translation: Kandi Yantegetse kuba umwislamu wa mbere mu bo narungitsweko, nicisha bugufi nkayisenga ari Imana Imwe Rudende Allah ntayibangikanya”.
39:13قُلۡ إِنِّيٓ أَخَافُ إِنۡ عَصَيۡتُ رَبِّي عَذَابَ يَوۡمٍ عَظِيمٖ ﴿13﴾قُلۡ إِنِّيٓ أَخَافُ إِنۡ عَصَيۡتُ رَبِّي عَذَابَ يَوۡمٍ عَظِيمٖ
Transliteration: Qul innee akhafu in AAasaytu rabbee AAathaba yawmin AAatheemin
Translation: Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire abantu bose uti: “Mu vy’ukuri jewe, mu gihe noca kubiri no gusenga Imana yanje Rurema Allah ari Imwe Rudende, ndatinya ko Yompana ku musi uhambaye w’izuka”.
39:14قُلِ ٱللَّهَ أَعۡبُدُ مُخۡلِصٗا لَّهُۥ دِينِي ﴿14﴾قُلِ ٱللَّهَ أَعۡبُدُ مُخۡلِصٗا لَّهُۥ دِينِي
Transliteration: Quli Allaha aAAbudu mukhlisan lahu deenee
Translation: Ntumwa y’Imana! Vuga wemanga ukwemera kwawe uti: “Burya jewe, niyegereza Imana Allah mu vyo nkora vyose, maze nkayisenga ari Imwe Rudende, nkeza n’ivyo ngira vyose ku bwayo;
39:15فَٱعۡبُدُواْ مَا شِئۡتُم مِّن دُونِهِۦۗ قُلۡ إِنَّ ٱلۡخَٰسِرِينَ ٱلَّذِينَ خَسِرُوٓاْ أَنفُسَهُمۡ وَأَهۡلِيهِمۡ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِۗ أَلَا ذَٰلِكَ هُوَ ٱلۡخُسۡرَانُ ٱلۡمُبِينُ ﴿15﴾فَٱعۡبُدُواْ مَا شِئۡتُم مِّن دُونِهِۦۗ قُلۡ إِنَّ ٱلۡخَٰسِرِينَ ٱلَّذِينَ خَسِرُوٓاْ أَنفُسَهُمۡ وَأَهۡلِيهِمۡ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِۗ أَلَا ذَٰلِكَ هُوَ ٱلۡخُسۡرَانُ ٱلۡمُبِينُ
Transliteration: FaoAAbudoo ma shitum min doonihi qul inna alkhasireena allatheena khasiroo anfusahum waahleehim yawma alqiyamati ala thalika huwa alkhusranu almubeenu
Translation: Babangikanyamana! Nimusenge ivyo mushaka mu bigirwamana mu gishingo c’Imana Allah, ivyo vyose nta co binyicira”. Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Mu vy’ukuri abari mu ruhombo nya ruhombo, ni barya bihombeye bagahomba n’imiryango yabo ku musi w’izuka[1]”. Bantu, nimwumve mwumvireho! Urwo rero, ni rwo ruhombo rugaragara.
39:16لَهُم مِّن فَوۡقِهِمۡ ظُلَلٞ مِّنَ ٱلنَّارِ وَمِن تَحۡتِهِمۡ ظُلَلٞۚ ذَٰلِكَ يُخَوِّفُ ٱللَّهُ بِهِۦ عِبَادَهُۥۚ يَٰعِبَادِ فَٱتَّقُونِ ﴿16﴾لَهُم مِّن فَوۡقِهِمۡ ظُلَلٞ مِّنَ ٱلنَّارِ وَمِن تَحۡتِهِمۡ ظُلَلٞۚ ذَٰلِكَ يُخَوِّفُ ٱللَّهُ بِهِۦ عِبَادَهُۥۚ يَٰعِبَادِ فَٱتَّقُونِ
Transliteration: Lahum min fawqihim thulalun mina alnnari wamin tahtihim thulalun thalika yukhawwifu Allahu bihi AAibadahu ya AAibadi faittaqooni
Translation: Abo bahomvye ku musi w’izuka, bagenewe ibihano bikaze vy’umuriro uzoba ubakikuje hejuru no musi, nk’amagorofa amahanga. Ivyo bihano rero, Imana Allah Ivyiganira abaja bayo, kugira bikebuke maze bavyiyubare. Emwe baja banje! Nimungamburukire rero mu kwubahiriza amabwirizwa yanje.
39:17وَٱلَّذِينَ ٱجۡتَنَبُواْ ٱلطَّـٰغُوتَ أَن يَعۡبُدُوهَا وَأَنَابُوٓاْ إِلَى ٱللَّهِ لَهُمُ ٱلۡبُشۡرَىٰۚ فَبَشِّرۡ عِبَادِ ﴿17﴾وَٱلَّذِينَ ٱجۡتَنَبُواْ ٱلطَّـٰغُوتَ أَن يَعۡبُدُوهَا وَأَنَابُوٓاْ إِلَى ٱللَّهِ لَهُمُ ٱلۡبُشۡرَىٰۚ فَبَشِّرۡ عِبَادِ
Transliteration: Waallatheena ijtanaboo alttaghoota an yaAAbudooha waanaboo ila Allahi lahumu albushra fabashshir AAibadi
Translation: Na barya bitandukanya n’isengwa ry’ibigirwamana vy’ubwoko bwose[2], bakagaruka bakigaya ku Mana Allah, maze bakayiyegereza mu vyo bagira vyose, bagenewe inkuru nziza yo kuyagwa no gushobozwa n’Imana Allah mu buzima bwo kw’isi, hamwe rero no kuronswa impembo nziza kandi zamaho mu Bwami bw’ijuru. Ntumwa y’Imana! Shikiriza rero inkuru nziza ihumuriza abaja banje;
39:18ٱلَّذِينَ يَسۡتَمِعُونَ ٱلۡقَوۡلَ فَيَتَّبِعُونَ أَحۡسَنَهُۥٓۚ أُوْلَـٰٓئِكَ ٱلَّذِينَ هَدَىٰهُمُ ٱللَّهُۖ وَأُوْلَـٰٓئِكَ هُمۡ أُوْلُواْ ٱلۡأَلۡبَٰبِ ﴿18﴾ٱلَّذِينَ يَسۡتَمِعُونَ ٱلۡقَوۡلَ فَيَتَّبِعُونَ أَحۡسَنَهُۥٓۚ أُوْلَـٰٓئِكَ ٱلَّذِينَ هَدَىٰهُمُ ٱللَّهُۖ وَأُوْلَـٰٓئِكَ هُمۡ أُوْلُواْ ٱلۡأَلۡبَٰبِ
Transliteration: Allatheena yastamiAAoona alqawla fayattabiAAoona ahsanahu olaika allatheena hadahumu Allahu waolaika hum oloo alalbabi
Translation: Barya bumviriza ijambo, maze bakubahiriza irigororotse gusumba; iryo na ryo rikaba ari jambo ry’Imana Allah n’iry’Intumwa yayo. Abo rero, ni bo Imana Allah Yarongoye mu gushobozwa kurangwa n’ingeso hamwe n’ibikorwa vyiza. Abo, ni na bo banyabwenge koko.
39:19أَفَمَنۡ حَقَّ عَلَيۡهِ كَلِمَةُ ٱلۡعَذَابِ أَفَأَنتَ تُنقِذُ مَن فِي ٱلنَّارِ ﴿19﴾أَفَمَنۡ حَقَّ عَلَيۡهِ كَلِمَةُ ٱلۡعَذَابِ أَفَأَنتَ تُنقِذُ مَن فِي ٱلنَّارِ
Transliteration: Afaman haqqa AAalayhi kalimatu alAAathabi afaanta tunqithu man fee alnnari
Translation: Ntumwa y’Imana! Burya, uwagiriwe n’igihano ku gushishikara kwiwe mu bugarariji, nta buhinga wokoresha ngo umugire umugororotsi. Ntumwa y’Imana! Mbega none, burya urashoboye gukingira umuntu ari mu muriro ngo ntahanwe! Wanguha.
39:20لَٰكِنِ ٱلَّذِينَ ٱتَّقَوۡاْ رَبَّهُمۡ لَهُمۡ غُرَفٞ مِّن فَوۡقِهَا غُرَفٞ مَّبۡنِيَّةٞ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهَا ٱلۡأَنۡهَٰرُۖ وَعۡدَ ٱللَّهِ لَا يُخۡلِفُ ٱللَّهُ ٱلۡمِيعَادَ ﴿20﴾لَٰكِنِ ٱلَّذِينَ ٱتَّقَوۡاْ رَبَّهُمۡ لَهُمۡ غُرَفٞ مِّن فَوۡقِهَا غُرَفٞ مَّبۡنِيَّةٞ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهَا ٱلۡأَنۡهَٰرُۖ وَعۡدَ ٱللَّهِ لَا يُخۡلِفُ ٱللَّهُ ٱلۡمِيعَادَ
Transliteration: Lakini allatheena ittaqaw rabbahum lahum ghurafun min fawqiha ghurafun mabniyyatun tajree min tahtiha alanharu waAAda Allahi la yukhlifu Allahu almeeAAada
Translation: Ariko rero, abagamburukira Imana yabo Rurema Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, baragenewe mu Bwami bw’ijuru ivyumba vy’amagorofa musi yavyo hatemba inzuzi. Iryo rero, ni isezerano Imana Allah, Yasezeraniye abagamburukiramana, kandi Imana Allah ntica kubiri n’isezerano ryayo.
39:21أَلَمۡ تَرَ أَنَّ ٱللَّهَ أَنزَلَ مِنَ ٱلسَّمَآءِ مَآءٗ فَسَلَكَهُۥ يَنَٰبِيعَ فِي ٱلۡأَرۡضِ ثُمَّ يُخۡرِجُ بِهِۦ زَرۡعٗا مُّخۡتَلِفًا أَلۡوَٰنُهُۥ ثُمَّ يَهِيجُ فَتَرَىٰهُ مُصۡفَرّٗا ثُمَّ يَجۡعَلُهُۥ حُطَٰمًاۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَذِكۡرَىٰ لِأُوْلِي ٱلۡأَلۡبَٰبِ ﴿21﴾أَلَمۡ تَرَ أَنَّ ٱللَّهَ أَنزَلَ مِنَ ٱلسَّمَآءِ مَآءٗ فَسَلَكَهُۥ يَنَٰبِيعَ فِي ٱلۡأَرۡضِ ثُمَّ يُخۡرِجُ بِهِۦ زَرۡعٗا مُّخۡتَلِفًا أَلۡوَٰنُهُۥ ثُمَّ يَهِيجُ فَتَرَىٰهُ مُصۡفَرّٗا ثُمَّ يَجۡعَلُهُۥ حُطَٰمًاۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَذِكۡرَىٰ لِأُوْلِي ٱلۡأَلۡبَٰبِ
Transliteration: Alam tara anna Allaha anzala mina alssamai maan fasalakahu yanabeeAAa fee alardi thumma yukhriju bihi zarAAan mukhtalifan alwanuhu thumma yaheeju fatarahu musfarran thumma yajAAaluhu hutaman inna fee thalika lathikra liolee alalbabi
Translation: Ntumwa y’Imana! Mbega ntiwabonye ko mu vy’ukuri Imana Allah, Ituma hagwa imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, Igaca Icira inzira nya mazi y’imvura akanyika, maze akadudubiza kw’isi ari imbizi n’inzuzi zitemba, hanyuma Ikanagisha ibiterwa bitotahaye bitandukanye kw’ibara n’ubwoko hakoreshejwe amazi ya nya mvura; mu nyuma, nya biterwa bigakaba bigahindura ibara bigahishira ukabona bisa n’umuhondo, hanyuma bigahungurura amababi aheza akavungagurika ku bushobozi bw’Imana Allah! Mu vy’ukuri muri ivyo vyose, ni ukuri harimwo inyigisho n’urwibutso ku banyabwenge koko.
39:22أَفَمَن شَرَحَ ٱللَّهُ صَدۡرَهُۥ لِلۡإِسۡلَٰمِ فَهُوَ عَلَىٰ نُورٖ مِّن رَّبِّهِۦۚ فَوَيۡلٞ لِّلۡقَٰسِيَةِ قُلُوبُهُم مِّن ذِكۡرِ ٱللَّهِۚ أُوْلَـٰٓئِكَ فِي ضَلَٰلٖ مُّبِينٍ ﴿22﴾أَفَمَن شَرَحَ ٱللَّهُ صَدۡرَهُۥ لِلۡإِسۡلَٰمِ فَهُوَ عَلَىٰ نُورٖ مِّن رَّبِّهِۦۚ فَوَيۡلٞ لِّلۡقَٰسِيَةِ قُلُوبُهُم مِّن ذِكۡرِ ٱللَّهِۚ أُوْلَـٰٓئِكَ فِي ضَلَٰلٖ مُّبِينٍ
Transliteration: Afaman sharaha Allahu sadrahu lilislami fahuwa AAala noorin min rabbihi fawaylun lilqasiyati quloobuhum min thikri Allahi olaika fee dalalin mubeenin
Translation: Mbega burya, umuntu yaguriwe n’Imana Allah igikiriza agahimbarwa no kuyemera akaba umwislamu, maze akagendera mu muco w’uburongozi bw’Imana yiwe Rurema Allah, yoba anganya ubotore n’ubutoni, n’uwurangwa n’agatimatare ko kutayemera! Ntibashobora kunganya ubutore n'ubutoni. Uguhanwa nya guhanwa rero, ni ukw’abarangwa n’agatimatare batigera bibuka Imana Allah. Abo, ni bo rero bari mu muzimagiza ugaragara uri kure y’ukuri.
39:23ٱللَّهُ نَزَّلَ أَحۡسَنَ ٱلۡحَدِيثِ كِتَٰبٗا مُّتَشَٰبِهٗا مَّثَانِيَ تَقۡشَعِرُّ مِنۡهُ جُلُودُ ٱلَّذِينَ يَخۡشَوۡنَ رَبَّهُمۡ ثُمَّ تَلِينُ جُلُودُهُمۡ وَقُلُوبُهُمۡ إِلَىٰ ذِكۡرِ ٱللَّهِۚ ذَٰلِكَ هُدَى ٱللَّهِ يَهۡدِي بِهِۦ مَن يَشَآءُۚ وَمَن يُضۡلِلِ ٱللَّهُ فَمَا لَهُۥ مِنۡ هَادٍ ﴿23﴾ٱللَّهُ نَزَّلَ أَحۡسَنَ ٱلۡحَدِيثِ كِتَٰبٗا مُّتَشَٰبِهٗا مَّثَانِيَ تَقۡشَعِرُّ مِنۡهُ جُلُودُ ٱلَّذِينَ يَخۡشَوۡنَ رَبَّهُمۡ ثُمَّ تَلِينُ جُلُودُهُمۡ وَقُلُوبُهُمۡ إِلَىٰ ذِكۡرِ ٱللَّهِۚ ذَٰلِكَ هُدَى ٱللَّهِ يَهۡدِي بِهِۦ مَن يَشَآءُۚ وَمَن يُضۡلِلِ ٱللَّهُ فَمَا لَهُۥ مِنۡ هَادٍ
Transliteration: Allahu nazzala ahsana alhadeethi kitaban mutashabihan mathaniya taqshaAAirru minhu juloodu allatheena yakhshawna rabbahum thumma taleenu julooduhum waquloobuhum ila thikri Allahi thalika huda Allahi yahdee bihi man yashao waman yudlili Allahu fama lahu min hadin
Translation: Imana Allah, Yamanuye amajambo meza cane, ayo majambo akaba ari Qor’ani isusa mu bwiza no mu ngingo vyayo; itigera ivuguruzanya mu ngingo zayo; irimwo amateka y’Intumwa yisubiriza aha na harya, ingingo n’ivyemezo bitomoye; ntitera ubunebwe uwuyisomye n’aho yoyisoma kenshi yisubiriza; iyo isomwe, abatinya ibihano vy’Imana yabo Rurema Allah barahinda agashitsi, maze imibiri n’imitima vyabo bikoroha mu guhurumbira ivyiza. Ubwo rero, ni bwo burongozi bwa Qor’ani, Imana Allah Ishoboza kubutumbera uwo Ishatse. Uwubaye intumva rero, Imana Allah Ikamuhubisha inzira ku butumva bwiwe, ntazoronka n’umwe ashobora kumurongora mu nzira yayo.
39:24أَفَمَن يَتَّقِي بِوَجۡهِهِۦ سُوٓءَ ٱلۡعَذَابِ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِۚ وَقِيلَ لِلظَّـٰلِمِينَ ذُوقُواْ مَا كُنتُمۡ تَكۡسِبُونَ ﴿24﴾أَفَمَن يَتَّقِي بِوَجۡهِهِۦ سُوٓءَ ٱلۡعَذَابِ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِۚ وَقِيلَ لِلظَّـٰلِمِينَ ذُوقُواْ مَا كُنتُمۡ تَكۡسِبُونَ
Transliteration: Afaman yattaqee biwajhihi sooa alAAathabi yawma alqiyamati waqeela lilththalimeena thooqoo ma kuntum taksiboona
Translation: Mbega burya, uwuzotabwa mu muriro ku musi w’izuka abohewe amaboko imugongo kubera ubugarariji bwiwe, gutyo ntashobore kuwikingira mu maso, yoba ari we ntore ku Mana Allah, canke intore ni uwuri mu nema zo mu Bwami bw’ijuru kubera ubugamburutsi bwiwe! Kuri uwo musi rero, abirenganije bazobwirwa ku gahemo bati: “Nimuhonje rero ibihano ku vyo mwari mwararondeye kw’isi”.
39:25كَذَّبَ ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِمۡ فَأَتَىٰهُمُ ٱلۡعَذَابُ مِنۡ حَيۡثُ لَا يَشۡعُرُونَ ﴿25﴾كَذَّبَ ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِمۡ فَأَتَىٰهُمُ ٱلۡعَذَابُ مِنۡ حَيۡثُ لَا يَشۡعُرُونَ
Transliteration: Kaththaba allatheena min qablihim faatahumu alAAathabu min haythu la yashAAuroona
Translation: Ntumwa y’Imana! Abo hambere y’abantu bawe warungitsweko, barahakanye bivuye inyuma Intumwa zabo, baraheza bashikirwa n’ibihano mu buryo batari biteze;
39:26فَأَذَاقَهُمُ ٱللَّهُ ٱلۡخِزۡيَ فِي ٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَاۖ وَلَعَذَابُ ٱلۡأٓخِرَةِ أَكۡبَرُۚ لَوۡ كَانُواْ يَعۡلَمُونَ ﴿26﴾فَأَذَاقَهُمُ ٱللَّهُ ٱلۡخِزۡيَ فِي ٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَاۖ وَلَعَذَابُ ٱلۡأٓخِرَةِ أَكۡبَرُۚ لَوۡ كَانُواْ يَعۡلَمُونَ
Transliteration: Faathaqahumu Allahu alkhizya fee alhayati alddunya walaAAathabu alakhirati akbaru law kanoo yaAAlamoona
Translation: Gutyo Imana Allah, Ibahonja ibihano vyo gusuzugurika kw’isi, ni ukuri baranategekanirijwe mu buzima bw’inyuma yo gupfa ibihano bikaze kandi biremereye cane. Iyo rero ababangikanyamana bamenya ko abo hambere yabo bahanwe ku bugarariji bwabo, bokwikebutse bakemera Imana Allah.
39:27وَلَقَدۡ ضَرَبۡنَا لِلنَّاسِ فِي هَٰذَا ٱلۡقُرۡءَانِ مِن كُلِّ مَثَلٖ لَّعَلَّهُمۡ يَتَذَكَّرُونَ ﴿27﴾وَلَقَدۡ ضَرَبۡنَا لِلنَّاسِ فِي هَٰذَا ٱلۡقُرۡءَانِ مِن كُلِّ مَثَلٖ لَّعَلَّهُمۡ يَتَذَكَّرُونَ
Transliteration: Walaqad darabna lilnnasi fee hatha alqurani min kulli mathalin laAAallahum yatathakkaroona
Translation: Ni ukuri Twebwe Allah, Twarahaye ababangikanyamana muri iyi Qor’ani, uburorero bukwiye butandukanye, kugira banyurwe bikebuke, baheze bavavanure n’ibangikanyamana;
39:28قُرۡءَانًا عَرَبِيًّا غَيۡرَ ذِي عِوَجٖ لَّعَلَّهُمۡ يَتَّقُونَ ﴿28﴾قُرۡءَانًا عَرَبِيًّا غَيۡرَ ذِي عِوَجٖ لَّعَلَّهُمۡ يَتَّقُونَ
Transliteration: Quranan AAarabiyyan ghayra thee AAiwajin laAAallahum yattaqoona
Translation: Qor’ani Twayimanuye mu rurimi rw’icarabu, itomoye mu majambo no mu nsiguro vyayo, itagiramwo akanenge; ivyo bikaba biri ukwo, kugira bagamburikire Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo.
39:29ضَرَبَ ٱللَّهُ مَثَلٗا رَّجُلٗا فِيهِ شُرَكَآءُ مُتَشَٰكِسُونَ وَرَجُلٗا سَلَمٗا لِّرَجُلٍ هَلۡ يَسۡتَوِيَانِ مَثَلًاۚ ٱلۡحَمۡدُ لِلَّهِۚ بَلۡ أَكۡثَرُهُمۡ لَا يَعۡلَمُونَ ﴿29﴾ضَرَبَ ٱللَّهُ مَثَلٗا رَّجُلٗا فِيهِ شُرَكَآءُ مُتَشَٰكِسُونَ وَرَجُلٗا سَلَمٗا لِّرَجُلٍ هَلۡ يَسۡتَوِيَانِ مَثَلًاۚ ٱلۡحَمۡدُ لِلَّهِۚ بَلۡ أَكۡثَرُهُمۡ لَا يَعۡلَمُونَ
Transliteration: Daraba Allahu mathalan rajulan feehi shurakao mutashakisoona warajulan salaman lirajulin hal yastawiyani mathalan alhamdu lillahi bal aktharuhum la yaAAlamoona
Translation: Imana Allah, Yarabaciriye agace k’abantu babiri; umwe muri bo, agabwa akaganzwa n’abantu benshi bamukoresha mu vyo umwumwe wese muri bo ashaka mu mwanya umwe, maze akananirwa ukuntu yobashimisha bose; uwundi na we akagabwa akaganzwa n’umuntu umwe rudende, aheza akamukoresha mu vyo ashaka, maze na we akamushimisha. Burya none abo bantu babiri, bokworoherwa kumwe mu kurangurana ubukerebutsi ico basabwa! Wanguha. Ni nk’ukwo nyene rero, umubangikanyamana yama mu makenga n’ihungabana ryo kudashobora gushimisha ibigirwamana, mu gihe umwemeramana yama atekaniwe ashoboye no gushimisha Imana Allah. Ishimagizwa rero, ni iry’Imana Allah, ahubwo abenshi mu babangikanyamana, ntibazi ukuri ngo bagukurikire.
39:30إِنَّكَ مَيِّتٞ وَإِنَّهُم مَّيِّتُونَ ﴿30﴾إِنَّكَ مَيِّتٞ وَإِنَّهُم مَّيِّتُونَ
Transliteration: Innaka mayyitun wainnahum mayyitoona
Translation: Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri wewe uzopfa, kandi na bo nyene mu vy’ukuri bazopfa;
39:31ثُمَّ إِنَّكُمۡ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ عِندَ رَبِّكُمۡ تَخۡتَصِمُونَ ﴿31﴾ثُمَّ إِنَّكُمۡ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ عِندَ رَبِّكُمۡ تَخۡتَصِمُونَ
Transliteration: Thumma innakum yawma alqiyamati AAinda rabbikum takhtasimoona
Translation: Hanyuma mu vy’ukuri, mwese ku musi w’izuka muzoheza muburane ku Mana Allah, Iheze Ibatunganirize vy’ukuri.
39:32فَمَنۡ أَظۡلَمُ مِمَّن كَذَبَ عَلَى ٱللَّهِ وَكَذَّبَ بِٱلصِّدۡقِ إِذۡ جَآءَهُۥٓۚ أَلَيۡسَ فِي جَهَنَّمَ مَثۡوٗى لِّلۡكَٰفِرِينَ ﴿32﴾۞فَمَنۡ أَظۡلَمُ مِمَّن كَذَبَ عَلَى ٱللَّهِ وَكَذَّبَ بِٱلصِّدۡقِ إِذۡ جَآءَهُۥٓۚ أَلَيۡسَ فِي جَهَنَّمَ مَثۡوٗى لِّلۡكَٰفِرِينَ
Transliteration: Faman athlamu mimman kathaba AAala Allahi wakaththaba bialssidqi ith jaahu alaysa fee jahannama mathwan lilkafireena
Translation: Nta n’umwe arenganya akimonogoza gusumba uwurementaniriza Imana Allah[3], canke uwuhakana yivuye inyuma ukuri kwarungikanwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) igihe kumushikiriye. Ni ukuri mu muriro wa Jahannamu, ni ho hari icumbi ry’abagarariji.
39:33وَٱلَّذِي جَآءَ بِٱلصِّدۡقِ وَصَدَّقَ بِهِۦٓ أُوْلَـٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡمُتَّقُونَ ﴿33﴾وَٱلَّذِي جَآءَ بِٱلصِّدۡقِ وَصَدَّقَ بِهِۦٓ أُوْلَـٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡمُتَّقُونَ
Transliteration: Waallathee jaa bialssidqi wasaddaqa bihi olaika humu almuttaqoona
Translation: Uwazanye ukuri mu mvugo n’ingiro mu Ntumwa maze akakugendera, we hamwe n’abamukurikiye, ni bo bagamburukiramana koko;
39:34لَهُم مَّا يَشَآءُونَ عِندَ رَبِّهِمۡۚ ذَٰلِكَ جَزَآءُ ٱلۡمُحۡسِنِينَ ﴿34﴾لَهُم مَّا يَشَآءُونَ عِندَ رَبِّهِمۡۚ ذَٰلِكَ جَزَآءُ ٱلۡمُحۡسِنِينَ
Transliteration: Lahum ma yashaoona AAinda rabbihim thalika jazao almuhsineena
Translation: Bagenewe kuronka ivyiza bipfuza ku Mana yabo Rurema Allah; iyo, ni yo mpembo y’abagwaneza mu kwubahiriza amabwirizwa;
39:35لِيُكَفِّرَ ٱللَّهُ عَنۡهُمۡ أَسۡوَأَ ٱلَّذِي عَمِلُواْ وَيَجۡزِيَهُمۡ أَجۡرَهُم بِأَحۡسَنِ ٱلَّذِي كَانُواْ يَعۡمَلُونَ ﴿35﴾لِيُكَفِّرَ ٱللَّهُ عَنۡهُمۡ أَسۡوَأَ ٱلَّذِي عَمِلُواْ وَيَجۡزِيَهُمۡ أَجۡرَهُم بِأَحۡسَنِ ٱلَّذِي كَانُواْ يَعۡمَلُونَ
Transliteration: Liyukaffira Allahu AAanhum aswaa allathee AAamiloo wayajziyahum ajrahum biahsani allathee kanoo yaAAmaloona
Translation: Ivyo biri ukwo, kugira Imana Allah Ibagumirize akabanga ku vyaha bakoze kw’isi bivanye n’ukwigaya kwabo, Iheze Ibababarire, Yongere Ibahembere ivyiza bakoze kw’isi mu kuronswa impembo nziza cane y’Ubwami bw’ijuru.
39:36أَلَيۡسَ ٱللَّهُ بِكَافٍ عَبۡدَهُۥۖ وَيُخَوِّفُونَكَ بِٱلَّذِينَ مِن دُونِهِۦۚ وَمَن يُضۡلِلِ ٱللَّهُ فَمَا لَهُۥ مِنۡ هَادٖ ﴿36﴾أَلَيۡسَ ٱللَّهُ بِكَافٍ عَبۡدَهُۥۖ وَيُخَوِّفُونَكَ بِٱلَّذِينَ مِن دُونِهِۦۚ وَمَن يُضۡلِلِ ٱللَّهُ فَمَا لَهُۥ مِنۡ هَادٖ
Transliteration: Alaysa Allahu bikafin AAabdahu wayukhawwifoonaka biallatheena min doonihi waman yudlili Allahu fama lahu min hadin
Translation: Burya none Imana Allah, si Yo Ibungabunga Umuja wayo Muhamadi mu kumukingira kugirirwa nabi n’ababangikanyamana! Ego cane, ni Yo Imubungabunga mu bijanye n’idini, Ikamuzigama no mu buzima bwo kw’isi. Ntumwa y’Imana! Baragutera n’ubwoba ko ibigirwamana vyokugeramira. Humura nta co bizokugira. Uwubaye intumva rero, Imana Allah Ikamuhubisha inzira ku butumva bwiwe, ntashobora kuronka n’umwe amurongora mu nzira yayo;
39:37وَمَن يَهۡدِ ٱللَّهُ فَمَا لَهُۥ مِن مُّضِلٍّۗ أَلَيۡسَ ٱللَّهُ بِعَزِيزٖ ذِي ٱنتِقَامٖ ﴿37﴾وَمَن يَهۡدِ ٱللَّهُ فَمَا لَهُۥ مِن مُّضِلٍّۗ أَلَيۡسَ ٱللَّهُ بِعَزِيزٖ ذِي ٱنتِقَامٖ
Transliteration: Waman yahdi Allahu fama lahu min mudillin alaysa Allahu biAAazeezin thee intiqamin
Translation: Nayo uwushobojwe n’Imana Allah akemera akanagamburuka, ntihazoboneka n’umwe ashobora kumuhubisha inzira y’ukuri. Burya none Imana Allah, si Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Yihora bikwiye abayigarariza!
39:38وَلَئِن سَأَلۡتَهُم مَّنۡ خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ لَيَقُولُنَّ ٱللَّهُۚ قُلۡ أَفَرَءَيۡتُم مَّا تَدۡعُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِ إِنۡ أَرَادَنِيَ ٱللَّهُ بِضُرٍّ هَلۡ هُنَّ كَٰشِفَٰتُ ضُرِّهِۦٓ أَوۡ أَرَادَنِي بِرَحۡمَةٍ هَلۡ هُنَّ مُمۡسِكَٰتُ رَحۡمَتِهِۦۚ قُلۡ حَسۡبِيَ ٱللَّهُۖ عَلَيۡهِ يَتَوَكَّلُ ٱلۡمُتَوَكِّلُونَ ﴿38﴾وَلَئِن سَأَلۡتَهُم مَّنۡ خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ لَيَقُولُنَّ ٱللَّهُۚ قُلۡ أَفَرَءَيۡتُم مَّا تَدۡعُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِ إِنۡ أَرَادَنِيَ ٱللَّهُ بِضُرٍّ هَلۡ هُنَّ كَٰشِفَٰتُ ضُرِّهِۦٓ أَوۡ أَرَادَنِي بِرَحۡمَةٍ هَلۡ هُنَّ مُمۡسِكَٰتُ رَحۡمَتِهِۦۚ قُلۡ حَسۡبِيَ ٱللَّهُۖ عَلَيۡهِ يَتَوَكَّلُ ٱلۡمُتَوَكِّلُونَ
Transliteration: Walain saaltahum man khalaqa alssamawati waalarda layaqoolunna Allahu qul afaraaytum ma tadAAoona min dooni Allahi in aradaniya Allahu bidurrin hal hunna kashifatu durrihi aw aradanee birahmatin hal hunna mumsikatu rahmatihi qul hasbiya Allahu AAalayhi yatawakkalu almutawakkiloona
Translation: Ntumwa y’Imana! No mu gihe woramuka ubajije ababangikanyamana uti: “Mbega, ni nde Yaremye amajuru n’isi?”. Ni ukuri, bazokwishura ata gushidikanya bati: “Vyaremwe n’Imana Allah”. Nibemanga ko ari Yo Rurema, uraca ubabaza kandi uti: “Mbega burya none, ibigirwamana musaba mu gishingo c’Imana Allah, birashoboye kunkura mu kaga n’igeragezwa nashizwemwo n’Imana Allah, canke birashoboye gutuma ntashikirwa n’ivyiza n’impuhwe nagiriwe n’Imana Allah!”. Nibemanga ko bitabishoboye, uraca ubabwira uti: “Imana Allah rero, ni Yo Ikwiye kunkingira. Abizera rero nibishimikize nyabuna kuri Yo bayizere”.
39:39قُلۡ يَٰقَوۡمِ ٱعۡمَلُواْ عَلَىٰ مَكَانَتِكُمۡ إِنِّي عَٰمِلٞۖ فَسَوۡفَ تَعۡلَمُونَ ﴿39﴾قُلۡ يَٰقَوۡمِ ٱعۡمَلُواْ عَلَىٰ مَكَانَتِكُمۡ إِنِّي عَٰمِلٞۖ فَسَوۡفَ تَعۡلَمُونَ
Transliteration: Qul ya qawmi iAAmaloo AAala makanatikum innee AAamilun fasawfa taAAlamoona
Translation: Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Emwe bantu narungitsweko! Nimukore ivyo mugira vyose nk’uko muvyipfuza mu gusenga ibigirwamana ata co bishoboye, jewe mu vy’ukuri nkora ivyo nkora, nisunze amabwirizwa y’Imana Allah, bitebe bitebuke rero muzomenya;
39:40مَن يَأۡتِيهِ عَذَابٞ يُخۡزِيهِ وَيَحِلُّ عَلَيۡهِ عَذَابٞ مُّقِيمٌ ﴿40﴾مَن يَأۡتِيهِ عَذَابٞ يُخۡزِيهِ وَيَحِلُّ عَلَيۡهِ عَذَابٞ مُّقِيمٌ
Transliteration: Man yateehi AAathabun yukhzeehi wayahillu AAalayhi AAathabun muqeemun
Translation: Uwuzoshikirwa n’ibihano bisuzuguza mu buzima bwo kw’isi, agaheza akaja no mu bihano vyamaho mu buzima bw’inyuma yo gupfa”.
39:41إِنَّآ أَنزَلۡنَا عَلَيۡكَ ٱلۡكِتَٰبَ لِلنَّاسِ بِٱلۡحَقِّۖ فَمَنِ ٱهۡتَدَىٰ فَلِنَفۡسِهِۦۖ وَمَن ضَلَّ فَإِنَّمَا يَضِلُّ عَلَيۡهَاۖ وَمَآ أَنتَ عَلَيۡهِم بِوَكِيلٍ ﴿41﴾إِنَّآ أَنزَلۡنَا عَلَيۡكَ ٱلۡكِتَٰبَ لِلنَّاسِ بِٱلۡحَقِّۖ فَمَنِ ٱهۡتَدَىٰ فَلِنَفۡسِهِۦۖ وَمَن ضَلَّ فَإِنَّمَا يَضِلُّ عَلَيۡهَاۖ وَمَآ أَنتَ عَلَيۡهِم بِوَكِيلٍ
Transliteration: Inna anzalna AAalayka alkitaba lilnnasi bialhaqqi famani ihtada falinafsihi waman dalla fainnama yadillu AAalayha wama anta AAalayhim biwakeelin
Translation: Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twakumanuriye Qor’ani vy’ukuri, kugira ibere uburongozi ibiremwa mu bantu no mu Majini. Uwuzotumbera rero inzira igororotse akagendera n’inyigisho zayo, ni we nyene bizogirira akamaro; uwuzohuba iyo nzira na we akaba intumva, ni we nyene bizogirira inkurikizi mbi; kira noneho, wewe nturi umuhagarikizi abazwa ku vyo bakoze, ujejwe gusa kubashikiriza ubutumwa.
39:42ٱللَّهُ يَتَوَفَّى ٱلۡأَنفُسَ حِينَ مَوۡتِهَا وَٱلَّتِي لَمۡ تَمُتۡ فِي مَنَامِهَاۖ فَيُمۡسِكُ ٱلَّتِي قَضَىٰ عَلَيۡهَا ٱلۡمَوۡتَ وَيُرۡسِلُ ٱلۡأُخۡرَىٰٓ إِلَىٰٓ أَجَلٖ مُّسَمًّىۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٖ لِّقَوۡمٖ يَتَفَكَّرُونَ ﴿42﴾ٱللَّهُ يَتَوَفَّى ٱلۡأَنفُسَ حِينَ مَوۡتِهَا وَٱلَّتِي لَمۡ تَمُتۡ فِي مَنَامِهَاۖ فَيُمۡسِكُ ٱلَّتِي قَضَىٰ عَلَيۡهَا ٱلۡمَوۡتَ وَيُرۡسِلُ ٱلۡأُخۡرَىٰٓ إِلَىٰٓ أَجَلٖ مُّسَمًّىۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٖ لِّقَوۡمٖ يَتَفَكَّرُونَ
Transliteration: Allahu yatawaffa alanfusa heena mawtiha waallatee lam tamut fee manamiha fayumsiku allatee qada AAalayha almawta wayursilu alokhra ila ajalin musamman inna fee thalika laayatin liqawmin yatafakkaroona
Translation: Imana Allah, Yaka ubuzima burundu ibiremwa mu gihe hageze ko bipfa[4] bigapfa; Ikaka ubuzima ibindi biremwa hataragera ko bipfa mu gihe bisinziriye (biri mw’itiro)[5]; maze Igasinziriza ubutakivayo ibiremwa Yandikiye ko bipfa, bigapfira muri nya tiro; Igaheza Igasubiza ubuzima ibindi biremwa bikikangura, maze bikabaho gushika isango rizwi ryo gupfa kwavyo rigere. Muri ivyo vyose rero, ni ukuri harimwo ivyemezo bigaragara vyotuma abantu biyumvira, bikebuka bagatahura ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah.
39:43أَمِ ٱتَّخَذُواْ مِن دُونِ ٱللَّهِ شُفَعَآءَۚ قُلۡ أَوَلَوۡ كَانُواْ لَا يَمۡلِكُونَ شَيۡـٔٗا وَلَا يَعۡقِلُونَ ﴿43﴾أَمِ ٱتَّخَذُواْ مِن دُونِ ٱللَّهِ شُفَعَآءَۚ قُلۡ أَوَلَوۡ كَانُواْ لَا يَمۡلِكُونَ شَيۡـٔٗا وَلَا يَعۡقِلُونَ
Transliteration: Ami ittakhathoo min dooni Allahi shufaAAaa qul awalaw kanoo la yamlikoona shayan wala yaAAqiloona
Translation: Canke ababangikanyamana bagize ibigirwamana basenga mu gishingo c’Imana Allah, kugira bibavugire kuri Yo! Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Mbega none, ibigirwamana vyobavugira gute kandi na vyo nyene ata na kimwe bigaba, eka ntibinamenya namba ko mubisenga!”.
39:44قُل لِّلَّهِ ٱلشَّفَٰعَةُ جَمِيعٗاۖ لَّهُۥ مُلۡكُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۖ ثُمَّ إِلَيۡهِ تُرۡجَعُونَ ﴿44﴾قُل لِّلَّهِ ٱلشَّفَٰعَةُ جَمِيعٗاۖ لَّهُۥ مُلۡكُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۖ ثُمَّ إِلَيۡهِ تُرۡجَعُونَ
Transliteration: Qul lillahi alshshafaAAatu jameeAAan lahu mulku alssamawati waalardi thumma ilayhi turjaAAoona
Translation: Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Burya, ivugira n’ivugirwa ry’ibiremwa vyose, ni ivy’Imana Allah; riba ku burenganzira bwayo, ni Yo Nyenubwami Iganza ibiri mu majuru no mw’isi n’ibiri hagati yavyo; hanyuma rero, ni kuri Yo muzosubizwa kugira muharurirwe, muheze muhemberwe ivyo mwakoze”.
39:45وَإِذَا ذُكِرَ ٱللَّهُ وَحۡدَهُ ٱشۡمَأَزَّتۡ قُلُوبُ ٱلَّذِينَ لَا يُؤۡمِنُونَ بِٱلۡأٓخِرَةِۖ وَإِذَا ذُكِرَ ٱلَّذِينَ مِن دُونِهِۦٓ إِذَا هُمۡ يَسۡتَبۡشِرُونَ ﴿45﴾وَإِذَا ذُكِرَ ٱللَّهُ وَحۡدَهُ ٱشۡمَأَزَّتۡ قُلُوبُ ٱلَّذِينَ لَا يُؤۡمِنُونَ بِٱلۡأٓخِرَةِۖ وَإِذَا ذُكِرَ ٱلَّذِينَ مِن دُونِهِۦٓ إِذَا هُمۡ يَسۡتَبۡشِرُونَ
Transliteration: Waitha thukira Allahu wahdahu ishmaazzat quloobu allatheena la yuminoona bialakhirati waitha thukira allatheena min doonihi itha hum yastabshiroona
Translation: Iyo rero havuzwe Imana Allah Yonyene, imitima y’abatemera ko hari ubuzima bw’inyuma yo gupfa, irashishwa n’ishavu n’akantu ikajugumira. Iyo havuzwe ibigirwamana naho, akamwemwe kakabasya, kuko havuzwe ikijanye n’ivyipfuzo vyabo; maze imitima yabo ikaremurukirwa.
39:46قُلِ ٱللَّهُمَّ فَاطِرَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ عَٰلِمَ ٱلۡغَيۡبِ وَٱلشَّهَٰدَةِ أَنتَ تَحۡكُمُ بَيۡنَ عِبَادِكَ فِي مَا كَانُواْ فِيهِ يَخۡتَلِفُونَ ﴿46﴾قُلِ ٱللَّهُمَّ فَاطِرَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ عَٰلِمَ ٱلۡغَيۡبِ وَٱلشَّهَٰدَةِ أَنتَ تَحۡكُمُ بَيۡنَ عِبَادِكَ فِي مَا كَانُواْ فِيهِ يَخۡتَلِفُونَ
Transliteration: Quli allahumma fatira alssamawati waalardi AAalima alghaybi waalshshahadati anta tahkumu bayna AAibadika fee ma kanoo feehi yakhtalifoona
Translation: Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Ewe Mana yanje Nzima! Rutanguzandemo Waremye amajuru n’isi! Rumenyi w’ibintu vyose; ibinyegeje n’ibiboneka! Ni Wewe ku musi w’izuka, Uzocira abaja bawe urutunganye, rugaragaza ukuri hagati y’abemeramana n’abagarariji ku vyo bahora bahazanako mw’idini, ndongora mu kunshikana ku kuri ku burenganzira bwawe, Wewe mu vy’ukuri, Urongora uwo Ushatse mu nzira igororotse[6]”.
39:47وَلَوۡ أَنَّ لِلَّذِينَ ظَلَمُواْ مَا فِي ٱلۡأَرۡضِ جَمِيعٗا وَمِثۡلَهُۥ مَعَهُۥ لَٱفۡتَدَوۡاْ بِهِۦ مِن سُوٓءِ ٱلۡعَذَابِ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِۚ وَبَدَا لَهُم مِّنَ ٱللَّهِ مَا لَمۡ يَكُونُواْ يَحۡتَسِبُونَ ﴿47﴾وَلَوۡ أَنَّ لِلَّذِينَ ظَلَمُواْ مَا فِي ٱلۡأَرۡضِ جَمِيعٗا وَمِثۡلَهُۥ مَعَهُۥ لَٱفۡتَدَوۡاْ بِهِۦ مِن سُوٓءِ ٱلۡعَذَابِ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِۚ وَبَدَا لَهُم مِّنَ ٱللَّهِ مَا لَمۡ يَكُونُواْ يَحۡتَسِبُونَ
Transliteration: Walaw anna lillatheena thalamoo ma fee alardi jameeAAan wamithlahu maAAahu laiftadaw bihi min sooi alAAathabi yawma alqiyamati wabada lahum mina Allahi ma lam yakoonoo yahtasiboona
Translation: Abirenganije mw’ibangikanyamana, iyo baba bagaba ibiri mw’isi vyose, hiyongeyeko n’ibindi nkavyo, bobitanze kugira bigombore muri vyo ku musi w’izuka; kira noneho, n’aho bobitanga ngo bigombore muri nya bihano, ntibirota vyemerwa namba. Kuri uwo musi rero, bazobona mu bihano vy’Imana Allah, ivyo batigera bibaza bakiri kw’isi ko vyoshika, bagwe mu gahundwe;
39:48وَبَدَا لَهُمۡ سَيِّـَٔاتُ مَا كَسَبُواْ وَحَاقَ بِهِم مَّا كَانُواْ بِهِۦ يَسۡتَهۡزِءُونَ ﴿48﴾وَبَدَا لَهُمۡ سَيِّـَٔاتُ مَا كَسَبُواْ وَحَاقَ بِهِم مَّا كَانُواْ بِهِۦ يَسۡتَهۡزِءُونَ
Transliteration: Wabada lahum sayyiatu ma kasaboo wahaqa bihim ma kanoo bihi yastahzioona
Translation: Bazobona kuri uwo musi w’iharurirwa ry’ibiremwa, indishi mbi y’ivyo bari bararondeye kw'isi, mu kwitirira Imana Allah ibitaberanye n’icubahiro cayo, bazonasagirizwa n’ibihano bibabaza ku vyo bahora bateburako.
39:49فَإِذَا مَسَّ ٱلۡإِنسَٰنَ ضُرّٞ دَعَانَا ثُمَّ إِذَا خَوَّلۡنَٰهُ نِعۡمَةٗ مِّنَّا قَالَ إِنَّمَآ أُوتِيتُهُۥ عَلَىٰ عِلۡمِۭۚ بَلۡ هِيَ فِتۡنَةٞ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَهُمۡ لَا يَعۡلَمُونَ ﴿49﴾فَإِذَا مَسَّ ٱلۡإِنسَٰنَ ضُرّٞ دَعَانَا ثُمَّ إِذَا خَوَّلۡنَٰهُ نِعۡمَةٗ مِّنَّا قَالَ إِنَّمَآ أُوتِيتُهُۥ عَلَىٰ عِلۡمِۭۚ بَلۡ هِيَ فِتۡنَةٞ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَهُمۡ لَا يَعۡلَمُونَ
Transliteration: Faitha massa alinsana durrun daAAana thumma itha khawwalnahu niAAmatan minna qala innama ooteetuhu AAala AAilmin bal hiya fitnatun walakinna aktharahum la yaAAlamoona
Translation: Iyo umuntu ashikiwe n’ivyago, aca atwitabaza Twebwe Allah ngo Tubimukureko, nta ko atagira mu kudutaka mu buryo bwose; Twamara kubimukurako Tukamuha inema ivuye iwacu, agaheza akinamura avuga yihaya yihayagiza mu kugarariza Imana Allah, ati: “Ni ukuri ivyo naronkejwe, nabihawe kuko Imana Allah Izi ko ndabikwiye”. Ahubwo nyabuna, uguhabwa kw’abantu inema, ni ikigeragezo kuri bo kugira hamenyekane (ku vyo Imana Allah Isanzwe Izi), uwushimira Imana Allah n’uwuyigarariza; ariko rero abenshi muri bo ku bujuju bwabo, ntibazi ko bageragezwa ku nema bahawe n’Imana Allah;
39:50قَدۡ قَالَهَا ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِمۡ فَمَآ أَغۡنَىٰ عَنۡهُم مَّا كَانُواْ يَكۡسِبُونَ ﴿50﴾قَدۡ قَالَهَا ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِمۡ فَمَآ أَغۡنَىٰ عَنۡهُم مَّا كَانُواْ يَكۡسِبُونَ
Transliteration: Qad qalaha allatheena min qablihim fama aghna AAanhum ma kanoo yaksiboona
Translation: Ntumwa y’Imana! Ni ukuri imigwi y’abantu bagararije aho hambere y’abantu bawe, baravuze ijambo nk’iryo ryo kwihakana inema z’Imana Allah, maze bararihanirwa; ico gihe rero, ivyo begeranije mu matungo n’abana, nta co vyabamariye;
39:51فَأَصَابَهُمۡ سَيِّـَٔاتُ مَا كَسَبُواْۚ وَٱلَّذِينَ ظَلَمُواْ مِنۡ هَـٰٓؤُلَآءِ سَيُصِيبُهُمۡ سَيِّـَٔاتُ مَا كَسَبُواْ وَمَا هُم بِمُعۡجِزِينَ ﴿51﴾فَأَصَابَهُمۡ سَيِّـَٔاتُ مَا كَسَبُواْۚ وَٱلَّذِينَ ظَلَمُواْ مِنۡ هَـٰٓؤُلَآءِ سَيُصِيبُهُمۡ سَيِّـَٔاتُ مَا كَسَبُواْ وَمَا هُم بِمُعۡجِزِينَ
Transliteration: Faasabahum sayyiatu ma kasaboo waallatheena thalamoo min haolai sayuseebuhum sayyiatu ma kasaboo wama hum bimuAAjizeena
Translation: Kubera iryo jambo, ni ho rero bibonerako inkurikizi y’ivyo bakoze, maze barahanwa mu buzima bwo kw’isi. Ntumwa y’Imana! N’abirenganije rero mu kuvuga iryo jambo mu bantu bawe, bazokwibonerako inkurikizi y’ivyo bakoze maze bahanwe, kandi ntibazocaruka ngo bananire Imana Allah.
39:52أَوَلَمۡ يَعۡلَمُوٓاْ أَنَّ ٱللَّهَ يَبۡسُطُ ٱلرِّزۡقَ لِمَن يَشَآءُ وَيَقۡدِرُۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٖ لِّقَوۡمٖ يُؤۡمِنُونَ ﴿52﴾أَوَلَمۡ يَعۡلَمُوٓاْ أَنَّ ٱللَّهَ يَبۡسُطُ ٱلرِّزۡقَ لِمَن يَشَآءُ وَيَقۡدِرُۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٖ لِّقَوۡمٖ يُؤۡمِنُونَ
Transliteration: Awalam yaAAlamoo anna Allaha yabsutu alrrizqa liman yashao wayaqdiru inna fee thalika laayatin liqawmin yuminoona
Translation: Mbega ntibamenye, ko Imana Allah Ironsa uwo Ishatse mu biremwa vyayo umusesekara w’ibimubeshaho kugira Imugerageze[7], Ikanagerera uwo Ishatse muri vyo kugira Imugerageze; bidaturutse ku butoni bw’uriya canke ku bugaba bw’uyu[8]! Mu vy’ukuri muri iryo ronswa ry’umusesekara canke igererwa ry’ibibeshaho, ni ukuri harimwo ivyemezo ku bemeramana bemera amabwirizwa y’Imana Allah bakanayashira mu ngiro, vyerekana ko ibeshwaho ry’ibiremwa ari ku mpuhwe n’ubugwaneza vy’Imana Allah.
39:53قُلۡ يَٰعِبَادِيَ ٱلَّذِينَ أَسۡرَفُواْ عَلَىٰٓ أَنفُسِهِمۡ لَا تَقۡنَطُواْ مِن رَّحۡمَةِ ٱللَّهِۚ إِنَّ ٱللَّهَ يَغۡفِرُ ٱلذُّنُوبَ جَمِيعًاۚ إِنَّهُۥ هُوَ ٱلۡغَفُورُ ٱلرَّحِيمُ ﴿53﴾۞قُلۡ يَٰعِبَادِيَ ٱلَّذِينَ أَسۡرَفُواْ عَلَىٰٓ أَنفُسِهِمۡ لَا تَقۡنَطُواْ مِن رَّحۡمَةِ ٱللَّهِۚ إِنَّ ٱللَّهَ يَغۡفِرُ ٱلذُّنُوبَ جَمِيعًاۚ إِنَّهُۥ هُوَ ٱلۡغَفُورُ ٱلرَّحِيمُ
Transliteration: Qul ya AAibadiya allatheena asrafoo AAala anfusihim la taqnatoo min rahmati Allahi inna Allaha yaghfiru alththunooba jameeAAan innahu huwa alghafooru alrraheemu
Translation: Ntumwa y’Imana! Bwira abaja banje barendegeye mu vyaha uti: “Ntimukihebure ku bwinshi bw’ivyaha vyanyu, ko mutobabarirwa ku mpuhwe z’Imana Allah; mu vy’ukuri Imana Allah, Iragumya akabanga ku vyaha vy’uwigaye, Ikanabibabarira vyose; mu vy’ukuri, ni Yo Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo”;
39:54وَأَنِيبُوٓاْ إِلَىٰ رَبِّكُمۡ وَأَسۡلِمُواْ لَهُۥ مِن قَبۡلِ أَن يَأۡتِيَكُمُ ٱلۡعَذَابُ ثُمَّ لَا تُنصَرُونَ ﴿54﴾وَأَنِيبُوٓاْ إِلَىٰ رَبِّكُمۡ وَأَسۡلِمُواْ لَهُۥ مِن قَبۡلِ أَن يَأۡتِيَكُمُ ٱلۡعَذَابُ ثُمَّ لَا تُنصَرُونَ
Transliteration: Waaneeboo ila rabbikum waaslimoo lahu min qabli an yatiyakumu alAAathabu thumma la tunsaroona
Translation: Bantu! Enda nyabuna rero, nimugaruke ku Mana yanyu Rurema Allah maze mwigaye, muheze mwicishe bugufi kuri Yo imbere yuko mushikirwa n’ibihano vyayo, hanyuma ntimunaronke n’umwe abatabara;
39:55وَٱتَّبِعُوٓاْ أَحۡسَنَ مَآ أُنزِلَ إِلَيۡكُم مِّن رَّبِّكُم مِّن قَبۡلِ أَن يَأۡتِيَكُمُ ٱلۡعَذَابُ بَغۡتَةٗ وَأَنتُمۡ لَا تَشۡعُرُونَ ﴿55﴾وَٱتَّبِعُوٓاْ أَحۡسَنَ مَآ أُنزِلَ إِلَيۡكُم مِّن رَّبِّكُم مِّن قَبۡلِ أَن يَأۡتِيَكُمُ ٱلۡعَذَابُ بَغۡتَةٗ وَأَنتُمۡ لَا تَشۡعُرُونَ
Transliteration: WaittabiAAoo ahsana ma onzila ilaykum min rabbikum min qabli an yatiyakumu alAAathabu baghtatan waantum la tashAAuroona
Translation: Muheze mukurikire n’ivyiza mwamanuriwe n’Imana yanyu Rurema Allah muri Qor’ani, mubigendere mu kwubahiriza amabwirizwa yayo imbere yuko mushikirwa n’ibihano mutabizi;
39:56أَن تَقُولَ نَفۡسٞ يَٰحَسۡرَتَىٰ عَلَىٰ مَا فَرَّطتُ فِي جَنۢبِ ٱللَّهِ وَإِن كُنتُ لَمِنَ ٱلسَّـٰخِرِينَ ﴿56﴾أَن تَقُولَ نَفۡسٞ يَٰحَسۡرَتَىٰ عَلَىٰ مَا فَرَّطتُ فِي جَنۢبِ ٱللَّهِ وَإِن كُنتُ لَمِنَ ٱلسَّـٰخِرِينَ
Transliteration: An taqoola nafsun ya hasrata AAala ma farrattu fee janbi Allahi wain kuntu lamina alssakhireena
Translation: Maze umuntu akicuza avuga ati: “Ese agahombo nagize mu kutitwararika gukora ivyo nabwirijwe n’Imana Allah! Ni ukuri kw’isi, nari mu batebura kuri vyo, ku Ntumwa no ku bemeramana”;
39:57أَوۡ تَقُولَ لَوۡ أَنَّ ٱللَّهَ هَدَىٰنِي لَكُنتُ مِنَ ٱلۡمُتَّقِينَ ﴿57﴾أَوۡ تَقُولَ لَوۡ أَنَّ ٱللَّهَ هَدَىٰنِي لَكُنتُ مِنَ ٱلۡمُتَّقِينَ
Transliteration: Aw taqoola law anna Allaha hadanee lakuntu mina almuttaqeena
Translation: Canke akavuga ati: “Iyo Imana Allah Indongora mw’idini ryayo, ni ukuri nari kuba ndi mu bagamburukiramana”;
39:58أَوۡ تَقُولَ حِينَ تَرَى ٱلۡعَذَابَ لَوۡ أَنَّ لِي كَرَّةٗ فَأَكُونَ مِنَ ٱلۡمُحۡسِنِينَ ﴿58﴾أَوۡ تَقُولَ حِينَ تَرَى ٱلۡعَذَابَ لَوۡ أَنَّ لِي كَرَّةٗ فَأَكُونَ مِنَ ٱلۡمُحۡسِنِينَ
Transliteration: Aw taqoola heena tara alAAathaba law anna lee karratan faakoona mina almuhsineena
Translation: Canke akavuga igihe yabonye yamaze gusagirizwa n’ibihano vy’Imana Allah, ku musi w’izuka, ati: “Ese icompa nkasubizwa kandi kw’isi, ngaheza nkaba mu bagwaneza bubahiriza amabwirizwa y’Imana Allah!”.
39:59بَلَىٰ قَدۡ جَآءَتۡكَ ءَايَٰتِي فَكَذَّبۡتَ بِهَا وَٱسۡتَكۡبَرۡتَ وَكُنتَ مِنَ ٱلۡكَٰفِرِينَ ﴿59﴾بَلَىٰ قَدۡ جَآءَتۡكَ ءَايَٰتِي فَكَذَّبۡتَ بِهَا وَٱسۡتَكۡبَرۡتَ وَكُنتَ مِنَ ٱلۡكَٰفِرِينَ
Transliteration: Bala qad jaatka ayatee fakaththabta biha waistakbarta wakunta mina alkafireena
Translation: Imana Allah Izoheza Yishure Iti: “Muntu! Ntibikabe nk’uko ubivuze! Ni ukuri, warashikiriwe n’ivyemezo vyanje vyerekana ukuri, maze urabihakana wivuye inyuma, uranagira amanyama mu kutavyemera, wari no mu bagarariji bagarariza Imana Allah n’Intumwa zayo”.
39:60وَيَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ تَرَى ٱلَّذِينَ كَذَبُواْ عَلَى ٱللَّهِ وُجُوهُهُم مُّسۡوَدَّةٌۚ أَلَيۡسَ فِي جَهَنَّمَ مَثۡوٗى لِّلۡمُتَكَبِّرِينَ ﴿60﴾وَيَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ تَرَى ٱلَّذِينَ كَذَبُواْ عَلَى ٱللَّهِ وُجُوهُهُم مُّسۡوَدَّةٌۚ أَلَيۡسَ فِي جَهَنَّمَ مَثۡوٗى لِّلۡمُتَكَبِّرِينَ
Transliteration: Wayawma alqiyamati tara allatheena kathaboo AAala Allahi wujoohuhum muswaddatun alaysa fee jahannama mathwan lilmutakabbireena
Translation: Ku musi w’izuka rero, abahakanye bivuye inyuma mu kubangikanya Imana Allah bayitirira n’ibitaberanye n’icubahiro cayo, uzobabona bijiriwe, mu maso hirabuye. Ni ukuri mu muriro wa Jahannamu, ni ho hari icumbi ry’abagira amanyama mu kudasenga Imana Imwe Rudende Allah.
39:61وَيُنَجِّي ٱللَّهُ ٱلَّذِينَ ٱتَّقَوۡاْ بِمَفَازَتِهِمۡ لَا يَمَسُّهُمُ ٱلسُّوٓءُ وَلَا هُمۡ يَحۡزَنُونَ ﴿61﴾وَيُنَجِّي ٱللَّهُ ٱلَّذِينَ ٱتَّقَوۡاْ بِمَفَازَتِهِمۡ لَا يَمَسُّهُمُ ٱلسُّوٓءُ وَلَا هُمۡ يَحۡزَنُونَ
Transliteration: Wayunajjee Allahu allatheena ittaqaw bimafazatihim la yamassuhumu alssooo wala hum yahzanoona
Translation: Imana Allah rero, Izoheza Irokore mu bihano, abayigamburukiye mu kwubahiriza amabwirizwa yayo mu kubashikana ku ntsinzi y’Ubwami bw’ijuru bipfuza, ntibazokorwako n’akabi, eka mbere bobo ntibazokwicwa n’intuntu namba ku vyo basize kw’isi.
39:62ٱللَّهُ خَٰلِقُ كُلِّ شَيۡءٖۖ وَهُوَ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ وَكِيلٞ ﴿62﴾ٱللَّهُ خَٰلِقُ كُلِّ شَيۡءٖۖ وَهُوَ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ وَكِيلٞ
Transliteration: Allahu khaliqu kulli shayin wahuwa AAala kulli shayin wakeelun
Translation: Imana Allah, ni Yo Rurema Ikaba n’Umugabe Yaremye ibintu vyose, ni na Yo Muhagarikizi Itunganiriza ibiremwa;
39:63لَّهُۥ مَقَالِيدُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۗ وَٱلَّذِينَ كَفَرُواْ بِـَٔايَٰتِ ٱللَّهِ أُوْلَـٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡخَٰسِرُونَ ﴿63﴾لَّهُۥ مَقَالِيدُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۗ وَٱلَّذِينَ كَفَرُواْ بِـَٔايَٰتِ ٱللَّهِ أُوْلَـٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡخَٰسِرُونَ
Transliteration: Lahu maqaleedu alssamawati waalardi waallatheena kafaroo biayati Allahi olaika humu alkhasiroona
Translation: Ni Yo Nyenimpfunguruzo z’ibigega vy’amajuru n’isi, Igomororera muri vyo uwo Ishatse mu biremwa. Abagararije bivuye inyuma Aayah n’ivyemezo vy’Imana Allah, abo ni bo rero bahomvye mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa.
39:64قُلۡ أَفَغَيۡرَ ٱللَّهِ تَأۡمُرُوٓنِّيٓ أَعۡبُدُ أَيُّهَا ٱلۡجَٰهِلُونَ ﴿64﴾قُلۡ أَفَغَيۡرَ ٱللَّهِ تَأۡمُرُوٓنِّيٓ أَعۡبُدُ أَيُّهَا ٱلۡجَٰهِلُونَ
Transliteration: Qul afaghayra Allahi tamuroonnee aAAbudu ayyuha aljahiloona
Translation: Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Mbega mwa bijuju mwe! Karashize ingani muntegeke kwiyegereza mu vyo nkora vyose mu gusenga ikitari Imana Allah, kandi ari Yo Ikwiye gusengwa Itabangikanijwe!”.
39:65وَلَقَدۡ أُوحِيَ إِلَيۡكَ وَإِلَى ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِكَ لَئِنۡ أَشۡرَكۡتَ لَيَحۡبَطَنَّ عَمَلُكَ وَلَتَكُونَنَّ مِنَ ٱلۡخَٰسِرِينَ ﴿65﴾وَلَقَدۡ أُوحِيَ إِلَيۡكَ وَإِلَى ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِكَ لَئِنۡ أَشۡرَكۡتَ لَيَحۡبَطَنَّ عَمَلُكَ وَلَتَكُونَنَّ مِنَ ٱلۡخَٰسِرِينَ
Transliteration: Walaqad oohiya ilayka waila allatheena min qablika lain ashrakta layahbatanna AAamaluka walatakoonanna mina alkhasireena
Translation: Ntumwa y’Imana! Ni ukuri, wahishuriwe n’Imana Allah nk’uko Intumwa zo hambere yawe zahishuriwe; ko niwaramuka uhirahiye ukabangikanya Imana Allah n’ibiremwa, ibikorwa vyawe vyose bizocika impfagusa; kandi ni ukuri, uzoba uri mu bahomvye mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa[9];
39:66بَلِ ٱللَّهَ فَٱعۡبُدۡ وَكُن مِّنَ ٱلشَّـٰكِرِينَ ﴿66﴾بَلِ ٱللَّهَ فَٱعۡبُدۡ وَكُن مِّنَ ٱلشَّـٰكِرِينَ
Transliteration: Bali Allaha faoAAbud wakun mina alshshakireena
Translation: Ahubwo rero nyabuna, niwiyegereze Imana Allah mu vyo ukora vyose unayisenge ari Imwe Rudende, weze n’ivyo ukora vyose ku bwayo, wongere ube no mu bashima inema zayo.
39:67وَمَا قَدَرُواْ ٱللَّهَ حَقَّ قَدۡرِهِۦ وَٱلۡأَرۡضُ جَمِيعٗا قَبۡضَتُهُۥ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ وَٱلسَّمَٰوَٰتُ مَطۡوِيَّـٰتُۢ بِيَمِينِهِۦۚ سُبۡحَٰنَهُۥ وَتَعَٰلَىٰ عَمَّا يُشۡرِكُونَ ﴿67﴾وَمَا قَدَرُواْ ٱللَّهَ حَقَّ قَدۡرِهِۦ وَٱلۡأَرۡضُ جَمِيعٗا قَبۡضَتُهُۥ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ وَٱلسَّمَٰوَٰتُ مَطۡوِيَّـٰتُۢ بِيَمِينِهِۦۚ سُبۡحَٰنَهُۥ وَتَعَٰلَىٰ عَمَّا يُشۡرِكُونَ
Transliteration: Wama qadaroo Allaha haqqa qadrihi waalardu jameeAAan qabdatuhu yawma alqiyamati waalssamawatu matwiyyatun biyameenihi subhanahu wataAAala AAamma yushrikoona
Translation: Ababangikanyamana, ntibigeze baha namba Imana Allah icubahiro kiyikwiye mu kuyibangikanya n’ibiremwa, mu gihe ari Yo Nyenubushobozi; isi yose ku musi w’izuka izoba iri mu gipfunsi cayo; amajuru na yo azingwazingwe akonywakonywerezwe mu kuryo kwayo. Nihaninahazwe rero Imana Allah, Yongere Ihabwe n’icubahiro nta ngere mu buryo burengeye cane ivyo ababangikanyamana bayibangikanya;
39:68وَنُفِخَ فِي ٱلصُّورِ فَصَعِقَ مَن فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَن فِي ٱلۡأَرۡضِ إِلَّا مَن شَآءَ ٱللَّهُۖ ثُمَّ نُفِخَ فِيهِ أُخۡرَىٰ فَإِذَا هُمۡ قِيَامٞ يَنظُرُونَ ﴿68﴾وَنُفِخَ فِي ٱلصُّورِ فَصَعِقَ مَن فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَن فِي ٱلۡأَرۡضِ إِلَّا مَن شَآءَ ٱللَّهُۖ ثُمَّ نُفِخَ فِيهِ أُخۡرَىٰ فَإِذَا هُمۡ قِيَامٞ يَنظُرُونَ
Transliteration: Wanufikha fee alssoori fasaAAiqa man fee alssamawati waman fee alardi illa man shaa Allahu thumma nufikha feehi okhra faitha hum qiyamun yanthuroona
Translation: Inzamba yo guhonya ibiremwa rero izovuzwa, maze ibiremwa vyose biri mu majuru no mw’isi bihonere rimwe, kiretse ivyo Imana Allah Izoshaka ko bidashoka bihwera. Mu nyuma, hazovuzwa inzamba igira kabiri yo kuzura ibiremwa, ubwo nyene ibiremwa vyose bice bizukuruka mu kuzimu vyirabira ico Imana Allah Igiye kubigirira!
39:69وَأَشۡرَقَتِ ٱلۡأَرۡضُ بِنُورِ رَبِّهَا وَوُضِعَ ٱلۡكِتَٰبُ وَجِاْيٓءَ بِٱلنَّبِيِّـۧنَ وَٱلشُّهَدَآءِ وَقُضِيَ بَيۡنَهُم بِٱلۡحَقِّ وَهُمۡ لَا يُظۡلَمُونَ ﴿69﴾وَأَشۡرَقَتِ ٱلۡأَرۡضُ بِنُورِ رَبِّهَا وَوُضِعَ ٱلۡكِتَٰبُ وَجِاْيٓءَ بِٱلنَّبِيِّـۧنَ وَٱلشُّهَدَآءِ وَقُضِيَ بَيۡنَهُم بِٱلۡحَقِّ وَهُمۡ لَا يُظۡلَمُونَ
Transliteration: Waashraqati alardu binoori rabbiha wawudiAAa alkitabu wajeea bialnnabiyyeena waalshshuhadai waqudiya baynahum bialhaqqi wahum la yuthlamoona
Translation: Isi rero izoheza iboneshwe n’umuco w’Imana yayo Rurema Allah, igihe Yigaragaje mu gutunganiriza ibiremwa, maze abamalayika bace bugurura igitabu c’umwumwe wese muri vyo; Abavugishwamana na bo hamwe n’ivyabona vyagiriza umugwi wose w’abantu, baheze barengutswe kugira bagirize umugwi umwumwe w’abantu; maze Imana Allah Ibacire urugororotse vy’ukuri, eka ntibazorenganywa namba.
39:70وَوُفِّيَتۡ كُلُّ نَفۡسٖ مَّا عَمِلَتۡ وَهُوَ أَعۡلَمُ بِمَا يَفۡعَلُونَ ﴿70﴾وَوُفِّيَتۡ كُلُّ نَفۡسٖ مَّا عَمِلَتۡ وَهُوَ أَعۡلَمُ بِمَا يَفۡعَلُونَ
Transliteration: Wawuffiyat kullu nafsin ma AAamilat wahuwa aAAlamu bima yafAAaloona
Translation: Umuntu wese rero, azoheza ahabwe indishi ikwiranye n’ivyo yakoze; indishi nziza ku ciza canke indishi mbi ku kibi. Burya rero Imana Allah, ni Yo Izi neza ivyo bagira kw’isi, Izobibahembera.
39:71وَسِيقَ ٱلَّذِينَ كَفَرُوٓاْ إِلَىٰ جَهَنَّمَ زُمَرًاۖ حَتَّىٰٓ إِذَا جَآءُوهَا فُتِحَتۡ أَبۡوَٰبُهَا وَقَالَ لَهُمۡ خَزَنَتُهَآ أَلَمۡ يَأۡتِكُمۡ رُسُلٞ مِّنكُمۡ يَتۡلُونَ عَلَيۡكُمۡ ءَايَٰتِ رَبِّكُمۡ وَيُنذِرُونَكُمۡ لِقَآءَ يَوۡمِكُمۡ هَٰذَاۚ قَالُواْ بَلَىٰ وَلَٰكِنۡ حَقَّتۡ كَلِمَةُ ٱلۡعَذَابِ عَلَى ٱلۡكَٰفِرِينَ ﴿71﴾وَسِيقَ ٱلَّذِينَ كَفَرُوٓاْ إِلَىٰ جَهَنَّمَ زُمَرًاۖ حَتَّىٰٓ إِذَا جَآءُوهَا فُتِحَتۡ أَبۡوَٰبُهَا وَقَالَ لَهُمۡ خَزَنَتُهَآ أَلَمۡ يَأۡتِكُمۡ رُسُلٞ مِّنكُمۡ يَتۡلُونَ عَلَيۡكُمۡ ءَايَٰتِ رَبِّكُمۡ وَيُنذِرُونَكُمۡ لِقَآءَ يَوۡمِكُمۡ هَٰذَاۚ قَالُواْ بَلَىٰ وَلَٰكِنۡ حَقَّتۡ كَلِمَةُ ٱلۡعَذَابِ عَلَى ٱلۡكَٰفِرِينَ
Transliteration: Waseeqa allatheena kafaroo ila jahannama zumaran hatta itha jaooha futihat abwabuha waqala lahum khazanatuha alam yatikum rusulun minkum yatloona AAalaykum ayati rabbikum wayunthiroonakum liqaa yawmikum hatha qaloo bala walakin haqqat kalimatu alAAathabi AAala alkafireena
Translation: Abagararije Imana Allah n’Intumwa zayo, bazoshorerwa gusunurirwa mu muriro wa Jahannamu bari mu migwimigwi; bagize ngo barawushikiriye, abamalayika bawucungera bace babugururira imiryango yawo indwi, maze bababwire n’agashinyaguro n’akantu bati: “Mbega ntuze! Ntimwashikiriwe n’Intumwa zirungitswe muri mwebwe nyene, zibasomera Aayah z’Imana yanyu Rurema Allah, zikanabagabisha ku bihano muzohura na vyo kuri uno musi?”. Bace bishura bemanga bati: “Ego cane! Zaradushikiriye, ziranadushikiriza ubutumwa bw’Imana Allah, ariko rero twamaze kwagirwa n’ijambo ry’Imana Allah, aho Yasezeraniye ibihano abagarariji”.
39:72قِيلَ ٱدۡخُلُوٓاْ أَبۡوَٰبَ جَهَنَّمَ خَٰلِدِينَ فِيهَاۖ فَبِئۡسَ مَثۡوَى ٱلۡمُتَكَبِّرِينَ ﴿72﴾قِيلَ ٱدۡخُلُوٓاْ أَبۡوَٰبَ جَهَنَّمَ خَٰلِدِينَ فِيهَاۖ فَبِئۡسَ مَثۡوَى ٱلۡمُتَكَبِّرِينَ
Transliteration: Qeela odkhuloo abwaba jahannama khalideena feeha fabisa mathwa almutakabbireena
Translation: Abagararije ko Imana Allah ari Yo Ikwiye gusengwa vy’ukuri, bazoheza babwirwe n’agasuzuguro n’akantu bati: “Dagamba muce ng’aha, muheze mwinjire mu miryango y’umuriro wa Jahannamu, muzowubamwo ibihe bidahera. Iryo rero, ni ryo cumbi ribi cane ry’abagira amanyama mu kutemera Imana Allah”.
39:73وَسِيقَ ٱلَّذِينَ ٱتَّقَوۡاْ رَبَّهُمۡ إِلَى ٱلۡجَنَّةِ زُمَرًاۖ حَتَّىٰٓ إِذَا جَآءُوهَا وَفُتِحَتۡ أَبۡوَٰبُهَا وَقَالَ لَهُمۡ خَزَنَتُهَا سَلَٰمٌ عَلَيۡكُمۡ طِبۡتُمۡ فَٱدۡخُلُوهَا خَٰلِدِينَ ﴿73﴾وَسِيقَ ٱلَّذِينَ ٱتَّقَوۡاْ رَبَّهُمۡ إِلَى ٱلۡجَنَّةِ زُمَرًاۖ حَتَّىٰٓ إِذَا جَآءُوهَا وَفُتِحَتۡ أَبۡوَٰبُهَا وَقَالَ لَهُمۡ خَزَنَتُهَا سَلَٰمٌ عَلَيۡكُمۡ طِبۡتُمۡ فَٱدۡخُلُوهَا خَٰلِدِينَ
Transliteration: Waseeqa allatheena ittaqaw rabbahum ila aljannati zumaran hatta itha jaooha wafutihat abwabuha waqala lahum khazanatuha salamun AAalaykum tibtum faodkhulooha khalideena
Translation: Abagamburukiye Imana yabo Rurema Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, bazotwarwa bajanwe mu Bwami bw’ijuru bari mu migwimigwi, bagize ngo barabushikiriye, bace bugururirwa imiryango yabwo ngo binjire, abamalayika babarindiranye igishika kuri nya Bwami, babahe ikaze n’akamwemwe n’akantu bati: “Nimugire amahoro, kaze murisanze, muragahorana urweze, iteka n’itekane! Murahawe ikaze rero mu Bwami bw’ijuru, muzobubamwo ibihe bidahera”;
39:74وَقَالُواْ ٱلۡحَمۡدُ لِلَّهِ ٱلَّذِي صَدَقَنَا وَعۡدَهُۥ وَأَوۡرَثَنَا ٱلۡأَرۡضَ نَتَبَوَّأُ مِنَ ٱلۡجَنَّةِ حَيۡثُ نَشَآءُۖ فَنِعۡمَ أَجۡرُ ٱلۡعَٰمِلِينَ ﴿74﴾وَقَالُواْ ٱلۡحَمۡدُ لِلَّهِ ٱلَّذِي صَدَقَنَا وَعۡدَهُۥ وَأَوۡرَثَنَا ٱلۡأَرۡضَ نَتَبَوَّأُ مِنَ ٱلۡجَنَّةِ حَيۡثُ نَشَآءُۖ فَنِعۡمَ أَجۡرُ ٱلۡعَٰمِلِينَ
Transliteration: Waqaloo alhamdu lillahi allathee sadaqana waAAdahu waawrathana alarda natabawwao mina aljannati haythu nashao faniAAma ajru alAAamileena
Translation: Bazoheza bavuge bakura ubwatsi bati: “Ishimagizwa ni iry’Imana Allah, Yo Yaduhaye isezerano ryayo ry’ukuri twashikirijwe n’Intumwa zayo, Iraheza Irarishitsa, Ituraga isi y’Ubwami bw’ijuru, aho twishira tukizana aho hose dushaka muri Bwo. Iyo rero, ni yo ndishi y’abagwaneza mw’igamburukiramana”.
39:75وَتَرَى ٱلۡمَلَـٰٓئِكَةَ حَآفِّينَ مِنۡ حَوۡلِ ٱلۡعَرۡشِ يُسَبِّحُونَ بِحَمۡدِ رَبِّهِمۡۚ وَقُضِيَ بَيۡنَهُم بِٱلۡحَقِّۚ وَقِيلَ ٱلۡحَمۡدُ لِلَّهِ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ ﴿75﴾وَتَرَى ٱلۡمَلَـٰٓئِكَةَ حَآفِّينَ مِنۡ حَوۡلِ ٱلۡعَرۡشِ يُسَبِّحُونَ بِحَمۡدِ رَبِّهِمۡۚ وَقُضِيَ بَيۡنَهُم بِٱلۡحَقِّۚ وَقِيلَ ٱلۡحَمۡدُ لِلَّهِ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Transliteration: Watara almalaikata haffeena min hawli alAAarshi yusabbihoona bihamdi rabbihim waqudiya baynahum bialhaqqi waqeela alhamdu lillahi rabbi alAAalameena
Translation: Ntumwa y’Imana! Kuri uwo musi rero, uzobona abamalayika bakikuje ubuhangamo bwa Nyenimpuhwe, baninahaza mu gushimagiza Imana yabo Rurema Allah, maze Imana Allah Icire urugororotse vy’ukuri ibiremwa vyayo, abemeramana baje mu Bwami bw’ijuru, abagarariji na bo baje mu muriro udahera, haheze havugwe hashimirwa Imana Allah ngo: “Ishimagizwa ni iry’Imana Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose”.
Transliteration source: English Transliteration by Tanzil. Used under Tanzil's non-commercial terms; see the source and latest updates at Tanzil. Tanzil translation download