quranm◉

Surah Al-Mujadila transliteration

◉ Sura · ∞

58:1

قَدۡ سَمِعَ ٱللَّهُ قَوۡلَ ٱلَّتِي تُجَٰدِلُكَ فِي زَوۡجِهَا وَتَشۡتَكِيٓ إِلَى ٱللَّهِ وَٱللَّهُ يَسۡمَعُ تَحَاوُرَكُمَآۚ إِنَّ ٱللَّهَ سَمِيعُۢ بَصِيرٌ ﴿1﴾

Transliteration: Qad samiAAa Allahu qawla allatee tujadiluka fee zawjiha watashtakee ila Allahi waAllahu yasmaAAu tahawurakuma inna Allaha sameeAAun baseerun

Translation: Ni ukuri Imana Allah, Yaramaze kwumva ijambo ry’umupfasoni Khaula umukobwa wa Tha’laba, akubazagiza ku ngingo yo kuziririzwa n’umugabo wiwe Awsi mwene Swaamit, amurega ku Mana Allah. Imana Allah na Yo, Irumva ivyo muganira. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenukwumva, Nyenukubona.

58:2

ٱلَّذِينَ يُظَٰهِرُونَ مِنكُم مِّن نِّسَآئِهِم مَّا هُنَّ أُمَّهَٰتِهِمۡۖ إِنۡ أُمَّهَٰتُهُمۡ إِلَّا ٱلَّـٰٓـِٔي وَلَدۡنَهُمۡۚ وَإِنَّهُمۡ لَيَقُولُونَ مُنكَرٗا مِّنَ ٱلۡقَوۡلِ وَزُورٗاۚ وَإِنَّ ٱللَّهَ لَعَفُوٌّ غَفُورٞ ﴿2﴾

Transliteration: Allatheena yuthahiroona minkum min nisaihim ma hunna ommahatihim in ommahatuhum illa allaee waladnahum wainnahum layaqooloona munkaran mina alqawli wazooran wainna Allaha laAAafuwwun ghafoorun

Translation: Abaziririza muri mwebwe abakenyezi babo mu kuvuga bati: “Wewe kuri jewe, uri ikizira nka mawe yamvyaye”, abakenyezi babo si ba nyina na gato, ba nyina babo ni ababibarutse. Mu vy’ukuri, bavuga ijambo ribi, ni ikinyoma ceruye. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Nyenuguhariribicumuro, Nyenimbabazi-ntangere.

58:3

وَٱلَّذِينَ يُظَٰهِرُونَ مِن نِّسَآئِهِمۡ ثُمَّ يَعُودُونَ لِمَا قَالُواْ فَتَحۡرِيرُ رَقَبَةٖ مِّن قَبۡلِ أَن يَتَمَآسَّاۚ ذَٰلِكُمۡ تُوعَظُونَ بِهِۦۚ وَٱللَّهُ بِمَا تَعۡمَلُونَ خَبِيرٞ ﴿3﴾

Transliteration: Waallatheena yuthahiroona min nisaihim thumma yaAAoodoona lima qaloo fatahreeru raqabatin min qabli an yatamassa thalikum tooAAathoona bihi waAllahu bima taAAmaloona khabeerun

Translation: Abaziririza abakenyezi babo nka ba nyina, hanyuma bakisubirako bakagumana na bo, icuhagizo (igihano) c’ukubazirura, ni uguha ubwigenge umugurano imbere yuko basubira kurangurana amabanga y’abubatse. Iryo, ni ryo tegeko muhawe. Imana Allah, ni Yo Muhetuziwavyose, Irazi neza ivyo mukora.

58:4

فَمَن لَّمۡ يَجِدۡ فَصِيَامُ شَهۡرَيۡنِ مُتَتَابِعَيۡنِ مِن قَبۡلِ أَن يَتَمَآسَّاۖ فَمَن لَّمۡ يَسۡتَطِعۡ فَإِطۡعَامُ سِتِّينَ مِسۡكِينٗاۚ ذَٰلِكَ لِتُؤۡمِنُواْ بِٱللَّهِ وَرَسُولِهِۦۚ وَتِلۡكَ حُدُودُ ٱللَّهِۗ وَلِلۡكَٰفِرِينَ عَذَابٌ أَلِيمٌ ﴿4﴾

Transliteration: Faman lam yajid fasiyamu shahrayni mutatabiAAayni min qabli an yatamassa faman lam yastatiAA faitAAamu sitteena miskeenan thalika lituminoo biAllahi warasoolihi watilka hudoodu Allahi walilkafireena AAathabun aleemun

Translation: Uwutazoronka uyo mugurano, aripfunga amezi abiri akurikirana imbere yuko barangurana amabanga y’abubatse. Uwutabishoboye na we, arafungurira abakene mirongo itandatu. Iryo tegeko ryorohejwe, kugira ngo mwemere Imana Allah n’Intumwa yayo. Izo rero, ni imbibe ntarengwa z’amabwirizwa y'ibitegetswe n’Imana Allah, ntimukayarengeko. Abagarariza mu kuyahakana bivuye inyuma, barategekanirijwe ibihano bibabaza ku musi w’izuka.

58:5

إِنَّ ٱلَّذِينَ يُحَآدُّونَ ٱللَّهَ وَرَسُولَهُۥ كُبِتُواْ كَمَا كُبِتَ ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِمۡۚ وَقَدۡ أَنزَلۡنَآ ءَايَٰتِۭ بَيِّنَٰتٖۚ وَلِلۡكَٰفِرِينَ عَذَابٞ مُّهِينٞ ﴿5﴾

Transliteration: Inna allatheena yuhaddoona Allaha warasoolahu kubitoo kama kubita allatheena min qablihim waqad anzalna ayatin bayyinatin walilkafireena AAathabun muheenun

Translation: Mu vy’ukuri, abarwanya Imana Allah n’Intumwa yayo mu kurenga ku mabwirizwa, bazoteterezwa nk’uko ab’aho hambere yabo bateterejwe. Ni ukuri Twebwe Allah, Twaramanuye Aayah zitomoye zerekana ko amabwirizwa y’Imana Allah ari kwo kuri. Nayo abagarariza mu kuzihakana bivuye inyuma, barategekanirijwe ibihano bisuzuguza.

58:6

يَوۡمَ يَبۡعَثُهُمُ ٱللَّهُ جَمِيعٗا فَيُنَبِّئُهُم بِمَا عَمِلُوٓاْۚ أَحۡصَىٰهُ ٱللَّهُ وَنَسُوهُۚ وَٱللَّهُ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ شَهِيدٌ ﴿6﴾

Transliteration: Yawma yabAAathuhumu Allahu jameeAAan fayunabbiohum bima AAamiloo ahsahu Allahu wanasoohu waAllahu AAala kulli shayin shaheedun

Translation: Ntumwa y’Imana! Ibuka umusi Imana Allah Yazuye abantu bose Ikabakoraniriza hamwe, hanyuma Ikabamenyesha ivyo bakoze kw’isi. Imana Allah, Yarabibungabunze mu kuvyandika mu Gitabu nyezina canditswemwo ivyagezwe n’ishirwa mu ngiro ryavyo “Lawhu Mahfuudhw” hamwe rero no mu bitabu vyabo, mu gihe bo bamaze kuvyibagira. Burya Imana Allah, ni Yo Cabona ku kintu ico ari co cose.

58:7

أَلَمۡ تَرَ أَنَّ ٱللَّهَ يَعۡلَمُ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَا فِي ٱلۡأَرۡضِۖ مَا يَكُونُ مِن نَّجۡوَىٰ ثَلَٰثَةٍ إِلَّا هُوَ رَابِعُهُمۡ وَلَا خَمۡسَةٍ إِلَّا هُوَ سَادِسُهُمۡ وَلَآ أَدۡنَىٰ مِن ذَٰلِكَ وَلَآ أَكۡثَرَ إِلَّا هُوَ مَعَهُمۡ أَيۡنَ مَا كَانُواْۖ ثُمَّ يُنَبِّئُهُم بِمَا عَمِلُواْ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِۚ إِنَّ ٱللَّهَ بِكُلِّ شَيۡءٍ عَلِيمٌ ﴿7﴾

Transliteration: Alam tara anna Allaha yaAAlamu ma fee alssamawati wama fee alardi ma yakoonu min najwa thalathatin illa huwa rabiAAuhum wala khamsatin illa huwa sadisuhum wala adna min thalika wala akthara illa huwa maAAahum ayna ma kanoo thumma yunabbiohum bima AAamiloo yawma alqiyamati inna Allaha bikulli shayin AAaleemun

Translation: Mbega, ntiwamenye yuko Imana Allah Izi neza ibiri mw’ijuru n'ibiri mw’isi! Nta bongorerana ari batatu, kiretse ko Imana Allah Iba ari iya kane. Nta na batanu bongorerana, kiretse ko Iba ari iya gatandatu. Eka nta n’abongorerana bari musi y’ico gitigiri canke kirenga, kiretse ko Iba Iri kumwe na bo aho bari hose. Hanyuma, Izobamenyesha ivyo bakoze vyose ku musi w’izuka, kugira ngo bemange, maze Ibahe indishi bakwiranye. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose.

58:8

أَلَمۡ تَرَ إِلَى ٱلَّذِينَ نُهُواْ عَنِ ٱلنَّجۡوَىٰ ثُمَّ يَعُودُونَ لِمَا نُهُواْ عَنۡهُ وَيَتَنَٰجَوۡنَ بِٱلۡإِثۡمِ وَٱلۡعُدۡوَٰنِ وَمَعۡصِيَتِ ٱلرَّسُولِۖ وَإِذَا جَآءُوكَ حَيَّوۡكَ بِمَا لَمۡ يُحَيِّكَ بِهِ ٱللَّهُ وَيَقُولُونَ فِيٓ أَنفُسِهِمۡ لَوۡلَا يُعَذِّبُنَا ٱللَّهُ بِمَا نَقُولُۚ حَسۡبُهُمۡ جَهَنَّمُ يَصۡلَوۡنَهَاۖ فَبِئۡسَ ٱلۡمَصِيرُ ﴿8﴾

Transliteration: Alam tara ila allatheena nuhoo AAani alnnajwa thumma yaAAoodoona lima nuhoo AAanhu wayatanajawna bialithmi waalAAudwani wamaAAsiyati alrrasooli waitha jaooka hayyawka bima lam yuhayyika bihi Allahu wayaqooloona fee anfusihim lawla yuAAaththibuna Allahu bima naqoolu hasbuhum jahannamu yaslawnaha fabisa almaseeru

Translation: Ntumwa y'Imana! Mbega, ntiwabonye ababujijwe kwongorerana, mu nyuma basubira gukora ivyo babujijwe, bakongorerana mu vyaha n’akarenganyo, no mu guca kubiri n’Intumwa y’Imana! Iyo baje, bakuramutsa (ngo muragahona) indamutso utaramutswa n’Imana Allah, bavuga mu mitima yabo bati: “Imana Allah, niduhane rero ku vyo tuvuga nimba Muhamadi ari Intumwa vy’ukuri!”. Barakwiye umuriro wa Jahannamu, bazowinjiramwo. Ubwo, ni bwo bushikiro bubi.

58:9

يَـٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ إِذَا تَنَٰجَيۡتُمۡ فَلَا تَتَنَٰجَوۡاْ بِٱلۡإِثۡمِ وَٱلۡعُدۡوَٰنِ وَمَعۡصِيَتِ ٱلرَّسُولِ وَتَنَٰجَوۡاْ بِٱلۡبِرِّ وَٱلتَّقۡوَىٰۖ وَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ ٱلَّذِيٓ إِلَيۡهِ تُحۡشَرُونَ ﴿9﴾

Transliteration: Ya ayyuha allatheena amanoo itha tanajaytum fala tatanajaw bialithmi waalAAudwani wamaAAsiyati alrrasooli watanajaw bialbirri waalttaqwa waittaqoo Allaha allathee ilayhi tuhsharoona

Translation: Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Iyo mwongoreranye, ntimukongorerane mu bibata mu vyaha n’akarenganyo, no mu guca kubiri n’Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah). Murongorerana mu vyotuma mwubaha mukubahiriza amabwirizwa y’Imana Allah, muheze rero mutinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo; kuri Yo, ni ho muzokwegeranirizwa.

58:10

إِنَّمَا ٱلنَّجۡوَىٰ مِنَ ٱلشَّيۡطَٰنِ لِيَحۡزُنَ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَلَيۡسَ بِضَآرِّهِمۡ شَيۡـًٔا إِلَّا بِإِذۡنِ ٱللَّهِۚ وَعَلَى ٱللَّهِ فَلۡيَتَوَكَّلِ ٱلۡمُؤۡمِنُونَ ﴿10﴾

Transliteration: Innama alnnajwa mina alshshaytani liyahzuna allatheena amanoo walaysa bidarrihim shayan illa biithni Allahi waAAala Allahi falyatawakkali almuminoona

Translation: Mu vy’ukuri kwongorerana, ni inyoshambi za shetani, kugira ngo abemeramana bicwe n’intuntu. Ariko nta co zizobagira, kiretse ku bushake bw’Imana Allah. Abemeramana rero, nibishimikize Imana Allah bayizere.

58:11

يَـٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ إِذَا قِيلَ لَكُمۡ تَفَسَّحُواْ فِي ٱلۡمَجَٰلِسِ فَٱفۡسَحُواْ يَفۡسَحِ ٱللَّهُ لَكُمۡۖ وَإِذَا قِيلَ ٱنشُزُواْ فَٱنشُزُواْ يَرۡفَعِ ٱللَّهُ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ مِنكُمۡ وَٱلَّذِينَ أُوتُواْ ٱلۡعِلۡمَ دَرَجَٰتٖۚ وَٱللَّهُ بِمَا تَعۡمَلُونَ خَبِيرٞ ﴿11﴾

Transliteration: Ya ayyuha allatheena amanoo itha qeela lakum tafassahoo fee almajalisi faifsahoo yafsahi Allahu lakum waitha qeela onshuzoo faonshuzoo yarfaAAi Allahu allatheena amanoo minkum waallatheena ootoo alAAilma darajatin waAllahu bima taAAmaloona khabeerun

Translation: Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwasabwa kwagurira abandi mu vyicaro, muraca mubagurira; na mwe Imana Allah, Izobagurira kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Nimwasabwa naho guhaguruka mubisa abaje, murahaguruka; Imana Allah Izoduza icubahiro kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa, abemeramana muri mwebwe n’abahawe ubumenyi. Imana Allah, ni Yo Muhetuziwavyose, Irazi neza ivyo mukora, kandi Izobibahembera.

58:12

يَـٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ إِذَا نَٰجَيۡتُمُ ٱلرَّسُولَ فَقَدِّمُواْ بَيۡنَ يَدَيۡ نَجۡوَىٰكُمۡ صَدَقَةٗۚ ذَٰلِكَ خَيۡرٞ لَّكُمۡ وَأَطۡهَرُۚ فَإِن لَّمۡ تَجِدُواْ فَإِنَّ ٱللَّهَ غَفُورٞ رَّحِيمٌ ﴿12﴾

Transliteration: Ya ayyuha allatheena amanoo itha najaytumu alrrasoola faqaddimoo bayna yaday najwakum sadaqatan thalika khayrun lakum waatharu fain lam tajidoo fainna Allaha ghafoorun raheemun

Translation: Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Igihe mushatse kuganira n’Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), mutegetswe gutanga imperezwa imbere yuko muganira; ivyo, harimwo ineza no kwiyeza kuri mwebwe. Nimutaronka ico mutanga naho, nta co bitwaye; mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenimbabazi-ntangere, Igumiriza akabanga abigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.

58:13

ءَأَشۡفَقۡتُمۡ أَن تُقَدِّمُواْ بَيۡنَ يَدَيۡ نَجۡوَىٰكُمۡ صَدَقَٰتٖۚ فَإِذۡ لَمۡ تَفۡعَلُواْ وَتَابَ ٱللَّهُ عَلَيۡكُمۡ فَأَقِيمُواْ ٱلصَّلَوٰةَ وَءَاتُواْ ٱلزَّكَوٰةَ وَأَطِيعُواْ ٱللَّهَ وَرَسُولَهُۥۚ وَٱللَّهُ خَبِيرُۢ بِمَا تَعۡمَلُونَ ﴿13﴾

Transliteration: Aashfaqtum an tuqaddimoo bayna yaday najwakum sadaqatin faith lam tafAAaloo wataba Allahu AAalaykum faaqeemoo alssalata waatoo alzzakata waateeAAoo Allaha warasoolahu waAllahu khabeerun bima taAAmaloona

Translation: Mbega none, mwagize impungenge zo gutinya ko mwokena, mu gihe mwotanga imperezwa imbere yuko muganira n'Intumwa y'Imana! Mu gihe mutobikora kuko bibagoye, Imana Allah na Yo Igaheza Ikabababarira, maze Ikaborohereza mu guhagarika iryo bwirizwa, muraheza mutsimbataze amasengesho-bwirizwa ku mwanya, munatange n’ishikanwa-bwirizwa, mwongere mwumvire Imana Allah n’Intumwa yayo. Burya Imana Allah, ni Yo Muhetuziwavyose, Irazi neza ivyo mukora, kandi Izobibahembera.

58:14

أَلَمۡ تَرَ إِلَى ٱلَّذِينَ تَوَلَّوۡاْ قَوۡمًا غَضِبَ ٱللَّهُ عَلَيۡهِم مَّا هُم مِّنكُمۡ وَلَا مِنۡهُمۡ وَيَحۡلِفُونَ عَلَى ٱلۡكَذِبِ وَهُمۡ يَعۡلَمُونَ ﴿14﴾

Transliteration: Alam tara ila allatheena tawallaw qawman ghadiba Allahu AAalayhim ma hum minkum wala minhum wayahlifoona AAala alkathibi wahum yaAAlamoona

Translation: Ntumwa y'Imana! Mbega, ntiwabonye indyarya zicuditse n’abayahudi bashavuriwe n’Imana Allah! Izo ndyarya ntiziharurwa muri mwebwe, eka ntizinaharurwa no mu bayahudi, zirarahira zikarengwa, zibesha ko ziri abislamu, n'uko wewe uri Intumwa y'Imana, kandi zizi neza ko zibesha.

58:15

أَعَدَّ ٱللَّهُ لَهُمۡ عَذَابٗا شَدِيدًاۖ إِنَّهُمۡ سَآءَ مَا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ ﴿15﴾

Transliteration: aAAadda Allahu lahum AAathaban shadeedan innahum saa ma kanoo yaAAmaloona

Translation: Imana Allah, Yaraziteguriye ibihano ruhasha. Mu vy’ukuri indyarya, zamye zikora bibi cane.

58:16

ٱتَّخَذُوٓاْ أَيۡمَٰنَهُمۡ جُنَّةٗ فَصَدُّواْ عَن سَبِيلِ ٱللَّهِ فَلَهُمۡ عَذَابٞ مُّهِينٞ ﴿16﴾

Transliteration: Ittakhathoo aymanahum junnatan fasaddoo AAan sabeeli Allahi falahum AAathabun muheenun

Translation: Zagize indahiro zazo z’ikinyoma (ko zicisha bugufi, zemera) kuba inkinzo izikingira guhanwa, maze ziburagiza abantu kwinjira mu bwislamu. Kubera ivyo rero, zirategekanirijwe ibihano bisuzuguza.

58:17

لَّن تُغۡنِيَ عَنۡهُمۡ أَمۡوَٰلُهُمۡ وَلَآ أَوۡلَٰدُهُم مِّنَ ٱللَّهِ شَيۡـًٔاۚ أُوْلَـٰٓئِكَ أَصۡحَٰبُ ٱلنَّارِۖ هُمۡ فِيهَا خَٰلِدُونَ ﴿17﴾

Transliteration: Lan tughniya AAanhum amwaluhum wala awladuhum mina Allahi shayan olaika ashabu alnnari hum feeha khalidoona

Translation: Amatungo yazo hamwe n’ibibondo vyazo, ntibizozibuza guhanwa n’Imana Allah. Abo barangwa n’inyifato y’uburyarya[1], ni bo bantu bo mu muriro, bazowubamwo ibihe bidahera[2].

58:18

يَوۡمَ يَبۡعَثُهُمُ ٱللَّهُ جَمِيعٗا فَيَحۡلِفُونَ لَهُۥ كَمَا يَحۡلِفُونَ لَكُمۡ وَيَحۡسَبُونَ أَنَّهُمۡ عَلَىٰ شَيۡءٍۚ أَلَآ إِنَّهُمۡ هُمُ ٱلۡكَٰذِبُونَ ﴿18﴾

Transliteration: Yawma yabAAathuhumu Allahu jameeAAan fayahlifoona lahu kama yahlifoona lakum wayahsaboona annahum AAala shayin ala innahum humu alkathiboona

Translation: Ntumwa y'Imana! Zibutse umusi Imana Allah Yazuye indyarya zose, maze zikarahira zikarengwa (zibesha) ko zemera Imana Allah; nk’uko zahora zirahira zibesha kw’isi, zibaza ko indahiro hari ico izimarira. Bantu, nimwumve mwumvireho! Ni ukuri burya indyarya, ni zo zibesha nya kubesha.

58:19

ٱسۡتَحۡوَذَ عَلَيۡهِمُ ٱلشَّيۡطَٰنُ فَأَنسَىٰهُمۡ ذِكۡرَ ٱللَّهِۚ أُوْلَـٰٓئِكَ حِزۡبُ ٱلشَّيۡطَٰنِۚ أَلَآ إِنَّ حِزۡبَ ٱلشَّيۡطَٰنِ هُمُ ٱلۡخَٰسِرُونَ ﴿19﴾

Transliteration: Istahwatha AAalayhimu alshshaytanu faansahum thikra Allahi olaika hizbu alshshaytani ala inna hizba alshshaytani humu alkhasiroona

Translation: Shetani yarazigaruriye izibagiza ukwibuka n'ukwumvira Imana Allah. Indyarya, ni wo mugwi w’ingabo n’abumvira shetani. Bantu, nimwumve mwumvireho! Ni ukuri umugwi w’ingabo n’abumvira shetani, ni wo uri mu ruhombo kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.

58:20

إِنَّ ٱلَّذِينَ يُحَآدُّونَ ٱللَّهَ وَرَسُولَهُۥٓ أُوْلَـٰٓئِكَ فِي ٱلۡأَذَلِّينَ ﴿20﴾

Transliteration: Inna allatheena yuhaddoona Allaha warasoolahu olaika fee alathalleena

Translation: Mu vy’ukuri, abarwanya Imana Allah n’Intumwa yayo (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imama Allah) mu kurenga ku mabwirizwa, abo bari mu basuzuguritse cane kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.

58:21

كَتَبَ ٱللَّهُ لَأَغۡلِبَنَّ أَنَا۠ وَرُسُلِيٓۚ إِنَّ ٱللَّهَ قَوِيٌّ عَزِيزٞ ﴿21﴾

Transliteration: Kataba Allahu laaghlibanna ana warusulee inna Allaha qawiyyun AAazeezun

Translation: Imana Allah, Yaramaze guca iteka, Iti: “Ni ukuri, Nzotsinda Jewe Allah hamwe n’Intumwa zanje”. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Nyeninguvu, Nyenintsinzi-Mutaneshwa.

58:22

لَّا تَجِدُ قَوۡمٗا يُؤۡمِنُونَ بِٱللَّهِ وَٱلۡيَوۡمِ ٱلۡأٓخِرِ يُوَآدُّونَ مَنۡ حَآدَّ ٱللَّهَ وَرَسُولَهُۥ وَلَوۡ كَانُوٓاْ ءَابَآءَهُمۡ أَوۡ أَبۡنَآءَهُمۡ أَوۡ إِخۡوَٰنَهُمۡ أَوۡ عَشِيرَتَهُمۡۚ أُوْلَـٰٓئِكَ كَتَبَ فِي قُلُوبِهِمُ ٱلۡإِيمَٰنَ وَأَيَّدَهُم بِرُوحٖ مِّنۡهُۖ وَيُدۡخِلُهُمۡ جَنَّـٰتٖ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهَا ٱلۡأَنۡهَٰرُ خَٰلِدِينَ فِيهَاۚ رَضِيَ ٱللَّهُ عَنۡهُمۡ وَرَضُواْ عَنۡهُۚ أُوْلَـٰٓئِكَ حِزۡبُ ٱللَّهِۚ أَلَآ إِنَّ حِزۡبَ ٱللَّهِ هُمُ ٱلۡمُفۡلِحُونَ ﴿22﴾

Transliteration: La tajidu qawman yuminoona biAllahi waalyawmi alakhiri yuwaddoona man hadda Allaha warasoolahu walaw kanoo abaahum aw abnaahum aw ikhwanahum aw AAasheeratahum olaika kataba fee quloobihimu aleemana waayyadahum biroohin minhu wayudkhiluhum jannatin tajree min tahtiha alanharu khalideena feeha radiya Allahu AAanhum waradoo AAanhu olaika hizbu Allahi ala inna hizba Allahi humu almuflihoona

Translation: Ntumwa y'Imana! Nta ho vyakabaye ko wosanga abantu bemera Imana Allah n’umusi w’imperuka bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, bacuditse n’abarwanya Imana Allah n’Intumwa yayo, n’aho boba ari abavyeyi babo, canke ibibondo vyabo, canke benewabo, canke incuti zabo za hafi mu muryango. Abo, ni bo rero Imana Allah Yamaze gutsimbataza ukwemera mu mitima yabo, Ibatera ingoga, Ibaha n’umuco wayo, kandi Izobinjiza mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi, bazoyibamwo ibihe bidahera. Imana Allah Yarabishimiye kuko bayigamburukiye, na bo barayishimira ku mpera ikwiye Yabahaye. Abo, ni wo mugwi rero w’abatoni b'Imana Allah, bayumvira. Bantu, nimwumve mwumvireho! Mu vy'ukuri, umugwi w’abatoni b'Imana Allah bayumvira, ni wo waronse intsinzi yo kuroranirwa kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.

Transliteration source: English Transliteration by Tanzil. Used under Tanzil's non-commercial terms; see the source and latest updates at Tanzil. Tanzil translation download