quranm◉

Surah Al-Munafiqun transliteration

◉ Sura · ∞

63:1

إِذَا جَآءَكَ ٱلۡمُنَٰفِقُونَ قَالُواْ نَشۡهَدُ إِنَّكَ لَرَسُولُ ٱللَّهِۗ وَٱللَّهُ يَعۡلَمُ إِنَّكَ لَرَسُولُهُۥ وَٱللَّهُ يَشۡهَدُ إِنَّ ٱلۡمُنَٰفِقِينَ لَكَٰذِبُونَ ﴿1﴾

Transliteration: Itha jaaka almunafiqoona qaloo nashhadu innaka larasoolu Allahi waAllahu yaAAlamu innaka larasooluhu waAllahu yashhadu inna almunafiqeena lakathiboona

Translation: Ntumwa y'Imana! Iyo indyarya zije zikugana mu cicaro, ziza zivuga n'akarimi gasosa ziti: “Ni ukuri, turemanga ko wewe uri Intumwa y’Imana”. Burya Imana Allah na Yo, Irazi neza mu vy’ukuri, ko wewe uri Intumwa yayo, kandi Imana Allah Iremanga ko mu vy’ukuri, indyarya zibesha kuko ziyorobeka.

63:2

ٱتَّخَذُوٓاْ أَيۡمَٰنَهُمۡ جُنَّةٗ فَصَدُّواْ عَن سَبِيلِ ٱللَّهِۚ إِنَّهُمۡ سَآءَ مَا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ ﴿2﴾

Transliteration: Ittakhathoo aymanahum junnatan fasaddoo AAan sabeeli Allahi innahum saa ma kanoo yaAAmaloona

Translation: Zagize indahiro zazo, kuba inkinzo izikingira kugirirwa umwikomo no guhanwa, maze zitangura kuburagiza abantu kwinjira mw'idini ry’Imana Allah no kuriharanira. Mu vy’ukuri ivyo zikora, ni bibi cane;

63:3

ذَٰلِكَ بِأَنَّهُمۡ ءَامَنُواْ ثُمَّ كَفَرُواْ فَطُبِعَ عَلَىٰ قُلُوبِهِمۡ فَهُمۡ لَا يَفۡقَهُونَ ﴿3﴾

Transliteration: Thalika biannahum amanoo thumma kafaroo fatubiAAa AAala quloobihim fahum la yafqahoona

Translation: Ivyo zibikora, kuko zemeye mu majambo gusa hanyuma zirahakana mu mitima yazo, gutyo haterwa ikimangu c’ubuhakanyi mu mishaha yazo. Kubera ivyo rero, ntizitegera ngo zikore ibizifitiye akamaro.

63:4

وَإِذَا رَأَيۡتَهُمۡ تُعۡجِبُكَ أَجۡسَامُهُمۡۖ وَإِن يَقُولُواْ تَسۡمَعۡ لِقَوۡلِهِمۡۖ كَأَنَّهُمۡ خُشُبٞ مُّسَنَّدَةٞۖ يَحۡسَبُونَ كُلَّ صَيۡحَةٍ عَلَيۡهِمۡۚ هُمُ ٱلۡعَدُوُّ فَٱحۡذَرۡهُمۡۚ قَٰتَلَهُمُ ٱللَّهُۖ أَنَّىٰ يُؤۡفَكُونَ ﴿4﴾

Transliteration: Waitha raaytahum tuAAjibuka ajsamuhum wain yaqooloo tasmaAA liqawlihim kaannahum khushubun musannadatun yahsaboona kulla sayhatin AAalayhim humu alAAaduwwu faihtharhum qatalahumu Allahu anna yufakoona

Translation: Iyo uzibonye, imibiri yazo iraguhimbara. Iyo naho zigize ngo ziravuze, wumva amajambo yazo atomoye, kandi imishaha yazo itagira ukwemera namba, zitanatahura na kimwe; nk’aho zoba ari imbaho zitagira ubuzima zegetswe ku ruhome. Ziyumvira ko ikivuzwe cose, ari zo zitunzwe urutoke kubera ubwoba. Ntumwa y’Imana! Kanatsinda ni zo bansi bawe, uraziyubara rero. Zirakavumwa n’Imana Allah. Ni gute zigarariza ukuri zikaguma mu buryarya n’ubuhuvyi ha kwemera vy'ukuri!

63:5

وَإِذَا قِيلَ لَهُمۡ تَعَالَوۡاْ يَسۡتَغۡفِرۡ لَكُمۡ رَسُولُ ٱللَّهِ لَوَّوۡاْ رُءُوسَهُمۡ وَرَأَيۡتَهُمۡ يَصُدُّونَ وَهُم مُّسۡتَكۡبِرُونَ ﴿5﴾

Transliteration: Waitha qeela lahum taAAalaw yastaghfir lakum rasoolu Allahi lawwaw ruoosahum waraaytahum yasuddoona wahum mustakbiroona

Translation: Ntumwa y'Imana! Iyo indyarya zibwiwe ziti: “Enda nyabuna rero, nimuze ku Ntumwa y’Imana musabe ikigongwe, maze na yo ibasabire imbabazi ku Mana Allah”, zica zirabira hirya zizungagiza umutwe n’ubwishime n’akantu, ukazibona zikwirengagiza zinasuzugura ko wozisabira;

63:6

سَوَآءٌ عَلَيۡهِمۡ أَسۡتَغۡفَرۡتَ لَهُمۡ أَمۡ لَمۡ تَسۡتَغۡفِرۡ لَهُمۡ لَن يَغۡفِرَ ٱللَّهُ لَهُمۡۚ إِنَّ ٱللَّهَ لَا يَهۡدِي ٱلۡقَوۡمَ ٱلۡفَٰسِقِينَ ﴿6﴾

Transliteration: Sawaon AAalayhim astaghfarta lahum am lam tastaghfir lahum lan yaghfira Allahu lahum inna Allaha la yahdee alqawma alfasiqeena

Translation: Ni co kimwe rero kuri zo, uzisabira imbabazi canke utazizisabira, nta mbabazi Imana Allah Izozigirira bitewe no gutsimbatara kwazo mu buhakanyi. Mu vy’ukuri Imana Allah, ntishoboza kwemera abantu b’ibigaba barenga ku mabwirizwa yayo.

63:7

هُمُ ٱلَّذِينَ يَقُولُونَ لَا تُنفِقُواْ عَلَىٰ مَنۡ عِندَ رَسُولِ ٱللَّهِ حَتَّىٰ يَنفَضُّواْۗ وَلِلَّهِ خَزَآئِنُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَلَٰكِنَّ ٱلۡمُنَٰفِقِينَ لَا يَفۡقَهُونَ ﴿7﴾

Transliteration: Humu allatheena yaqooloona la tunfiqoo AAala man AAinda rasooli Allahi hatta yanfaddoo walillahi khazainu alssamawati waalardi walakinna almunafiqeena la yafqahoona

Translation: Izo ndyarya, ni zo zibwira ababa i Madina n'ishari n'akantu ziti: “Ntihagire ico muha abakene b’abimukira mu ngendanyi z’Intumwa y’Imana Muhamadi kugeza aho bicwa n’inzara bagata bakomoka”. Burya ibigega vy'ibibeshaho ibiremwa: ibiri mw’ijuru n’ibiri kw’isi vyose, ni ivy’Imana Allah; Iha uwo Ishatse, Ikima uwo Ishatse, ariko indyarya ntizizi ko Imana Allah ari Yo Muhanyiwavyose.

63:8

يَقُولُونَ لَئِن رَّجَعۡنَآ إِلَى ٱلۡمَدِينَةِ لَيُخۡرِجَنَّ ٱلۡأَعَزُّ مِنۡهَا ٱلۡأَذَلَّۚ وَلِلَّهِ ٱلۡعِزَّةُ وَلِرَسُولِهِۦ وَلِلۡمُؤۡمِنِينَ وَلَٰكِنَّ ٱلۡمُنَٰفِقِينَ لَا يَعۡلَمُونَ ﴿8﴾

Transliteration: Yaqooloona lain rajaAAna ila almadeenati layukhrijanna alaAAazzu minha alathalla walillahi alAAizzatu walirasoolihi walilmumineena walakinna almunafiqeena la yaAAlamoona

Translation: Zivuga zigamba n'akantu ziti: “Nitwaramuka dusubiye i Madina (tuvuye ku rugamba), nta kibuza ko abubahitse bazokwomora abagayitse”. Nangwa icubahiro c’iteka, ni ic’Imana Allah n’Intumwa yayo hamwe n’abemeramana, mugabo indyarya ntizitahura ivyo.

63:9

يَـٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ لَا تُلۡهِكُمۡ أَمۡوَٰلُكُمۡ وَلَآ أَوۡلَٰدُكُمۡ عَن ذِكۡرِ ٱللَّهِۚ وَمَن يَفۡعَلۡ ذَٰلِكَ فَأُوْلَـٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡخَٰسِرُونَ ﴿9﴾

Transliteration: Ya ayyuha allatheena amanoo la tulhikum amwalukum wala awladukum AAan thikri Allahi waman yafAAal thalika faolaika humu alkhasiroona

Translation: Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimugasamazwe n’amatungo yanyu canke abana banyu, ngo mureke kugamburukira Imana Allah muyininahaza muyitazira. Abazosamazwa n’ivyo rero, abo bazoba bari mu bahomvye ubuzima bwabo.

63:10

وَأَنفِقُواْ مِن مَّا رَزَقۡنَٰكُم مِّن قَبۡلِ أَن يَأۡتِيَ أَحَدَكُمُ ٱلۡمَوۡتُ فَيَقُولَ رَبِّ لَوۡلَآ أَخَّرۡتَنِيٓ إِلَىٰٓ أَجَلٖ قَرِيبٖ فَأَصَّدَّقَ وَأَكُن مِّنَ ٱلصَّـٰلِحِينَ ﴿10﴾

Transliteration: Waanfiqoo min ma razaqnakum min qabli an yatiya ahadakumu almawtu fayaqoola rabbi lawla akhkhartanee ila ajalin qareebin faassaddaqa waakun mina alssaliheena

Translation: Bemeramana! Enda rero nyabuna nimutange mu vyo Imana Allah Yabahaye, imbere yuko umwe muri mwebwe ashikirwa n’urupfu, maze akavuga yicuza ari ku mpfiro ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ubwo ntiwondindiriza gato ngapfuma ntanga imperezwa, ngaheza nkaba mu beranda bakora ivyiza bitegetswe!”.

63:11

وَلَن يُؤَخِّرَ ٱللَّهُ نَفۡسًا إِذَا جَآءَ أَجَلُهَاۚ وَٱللَّهُ خَبِيرُۢ بِمَا تَعۡمَلُونَ ﴿11﴾

Transliteration: Walan yuakhkhira Allahu nafsan itha jaa ajaluha waAllahu khabeerun bima taAAmaloona

Translation: Imana Allah na Yo, ntizorindiriza ikiremwa ico ari co cose umusi waco wo gupfa ugeze. Burya Imana Allah, ni Muhetuziwavyose, Irazi neza ivyo mukora, Izonabibahembera.

Transliteration source: English Transliteration by Tanzil. Used under Tanzil's non-commercial terms; see the source and latest updates at Tanzil. Tanzil translation download