quranm◉

Surah At-Taghabun transliteration

◉ Sura · ∞

64:1

يُسَبِّحُ لِلَّهِ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَا فِي ٱلۡأَرۡضِۖ لَهُ ٱلۡمُلۡكُ وَلَهُ ٱلۡحَمۡدُۖ وَهُوَ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ قَدِيرٌ ﴿1﴾

Transliteration: Yusabbihu lillahi ma fee alssamawati wama fee alardi lahu almulku walahu alhamdu wahuwa AAala kulli shayin qadeerun

Translation: Ibiri mu majuru no kw’isi vyose, biraninahaza Imana Allah, ubwami n’ishimagizwa ni ivyayo, ni na Yo Mushoboravyose.

64:2

هُوَ ٱلَّذِي خَلَقَكُمۡ فَمِنكُمۡ كَافِرٞ وَمِنكُم مُّؤۡمِنٞۚ وَٱللَّهُ بِمَا تَعۡمَلُونَ بَصِيرٌ ﴿2﴾

Transliteration: Huwa allathee khalaqakum faminkum kafirun waminkum muminun waAllahu bima taAAmaloona baseerun

Translation: Ni Yo Yonyene Yabaremye, gutyo muri mwebwe havamwo umuhakanyi n’umwemeramana (umwe wese ku co yahisemwo). Imana Allah na Yo, ni Nyenukubona, Irabona neza ivyo mukora, kandi Izobibahembera.

64:3

خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ بِٱلۡحَقِّ وَصَوَّرَكُمۡ فَأَحۡسَنَ صُوَرَكُمۡۖ وَإِلَيۡهِ ٱلۡمَصِيرُ ﴿3﴾

Transliteration: Khalaqa alssamawati waalarda bialhaqqi wasawwarakum faahsana suwarakum wailayhi almaseeru

Translation: Yaremye amajuru n’isi mu kuri (ata gufyina kurimwo), Iraheza Irabarema Ibaha n’ishusho ryiza ribabereye. Ni kuri Yo rero, ibiremwa vyose bizosubizwa ku musi w’iharurirwa, kugira Ihembe kimwe cose ku rugero rw’ibigikwiye.

64:4

يَعۡلَمُ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَيَعۡلَمُ مَا تُسِرُّونَ وَمَا تُعۡلِنُونَۚ وَٱللَّهُ عَلِيمُۢ بِذَاتِ ٱلصُّدُورِ ﴿4﴾

Transliteration: YaAAlamu ma fee alssamawati waalardi wayaAAlamu ma tusirroona wama tuAAlinoona waAllahu AAaleemun bithati alssudoori

Translation: Bantu! Imana Allah Irazi ibiri mu majuru no mw’isi, Iranazi ivyo mugirira mw’ibanga n’ivyo mugirira ku mugaragaro. Kandi burya Imana Allah, Irazi n'ibinyegejwe mu mishaha.

64:5

أَلَمۡ يَأۡتِكُمۡ نَبَؤُاْ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ مِن قَبۡلُ فَذَاقُواْ وَبَالَ أَمۡرِهِمۡ وَلَهُمۡ عَذَابٌ أَلِيمٞ ﴿5﴾

Transliteration: Alam yatikum nabao allatheena kafaroo min qablu fathaqoo wabala amrihim walahum AAathabun aleemun

Translation: Babangikanyamana! Mbega, ntimwashikiriwe n’inkuru y’abagararije b’aho hambere! Barahonjeje inkurikizi z’ubugarariji bwabo, baranarindiriwe n’ibihano bibabaza mu buzima bw’inyuma yo gupfa.

64:6

ذَٰلِكَ بِأَنَّهُۥ كَانَت تَّأۡتِيهِمۡ رُسُلُهُم بِٱلۡبَيِّنَٰتِ فَقَالُوٓاْ أَبَشَرٞ يَهۡدُونَنَا فَكَفَرُواْ وَتَوَلَّواْۖ وَّٱسۡتَغۡنَى ٱللَّهُۚ وَٱللَّهُ غَنِيٌّ حَمِيدٞ ﴿6﴾

Transliteration: Thalika biannahu kanat tateehim rusuluhum bialbayyinati faqaloo abasharun yahdoonana fakafaroo watawallaw waistaghna Allahu waAllahu ghaniyyun hameedun

Translation: Ivyo vyose rero, vyatewe n’uko Intumwa zabazanira ibitangaro n’ivyemezo bigaragara, bakavuga n’akagaye n'akantu bati: “Mbega abantu nkatwe, ni bo boturongora!”. Ni uko rero, baraheza baragarariza Imana Allah, barahakana n’Intumwa zayo bivuye inyuma, bagenza umugongo ntibemera ukuri, Imana Allah na Yo, Irabirengagiza. Burya Imana Allah, ni Uwikenuye Yikenuye muri vyose; Nyenugushimwa, Ishimwa ku mazina, ku matazirano no ku bikorwa vyayo mu bihe vyose.

64:7

زَعَمَ ٱلَّذِينَ كَفَرُوٓاْ أَن لَّن يُبۡعَثُواْۚ قُلۡ بَلَىٰ وَرَبِّي لَتُبۡعَثُنَّ ثُمَّ لَتُنَبَّؤُنَّ بِمَا عَمِلۡتُمۡۚ وَذَٰلِكَ عَلَى ٱللَّهِ يَسِيرٞ ﴿7﴾

Transliteration: ZaAAama allatheena kafaroo an lan yubAAathoo qul bala warabbee latubAAathunna thumma latunabbaonna bima AAamiltum wathalika AAala Allahi yaseerun

Translation: Abagararije, barigamba ko batazozurwa. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Muzobuzwa n’iki kuzurwa! Ndarahiye kw’izina ry’Imana yanje Rurema ko muzozurwa, hanyuma mumenyeshwe ivyo mwakoze vyose; kandi ivyo biroroshe cane ku Mana Allah”.

64:8

فَـَٔامِنُواْ بِٱللَّهِ وَرَسُولِهِۦ وَٱلنُّورِ ٱلَّذِيٓ أَنزَلۡنَاۚ وَٱللَّهُ بِمَا تَعۡمَلُونَ خَبِيرٞ ﴿8﴾

Transliteration: Faaminoo biAllahi warasoolihi waalnnoori allathee anzalna waAllahu bima taAAmaloona khabeerun

Translation: Babangikanyamana! Enda rero nyabuna nimwemere Imana Allah n’Intumwa yayo, mwemere na Qor’ani Twebwe Allah Twamanuriye Intumwa yacu. Burya Imana Allah, Irazi ivyo mukora, ni Muhetuziwavyose.

64:9

يَوۡمَ يَجۡمَعُكُمۡ لِيَوۡمِ ٱلۡجَمۡعِۖ ذَٰلِكَ يَوۡمُ ٱلتَّغَابُنِۗ وَمَن يُؤۡمِنۢ بِٱللَّهِ وَيَعۡمَلۡ صَٰلِحٗا يُكَفِّرۡ عَنۡهُ سَيِّـَٔاتِهِۦ وَيُدۡخِلۡهُ جَنَّـٰتٖ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهَا ٱلۡأَنۡهَٰرُ خَٰلِدِينَ فِيهَآ أَبَدٗاۚ ذَٰلِكَ ٱلۡفَوۡزُ ٱلۡعَظِيمُ ﴿9﴾

Transliteration: Yawma yajmaAAukum liyawmi aljamAAi thalika yawmu alttaghabuni waman yumin biAllahi wayaAAmal salihan yukaffir AAanhu sayyiatihi wayudkhilhu jannatin tajree min tahtiha alanharu khalideena feeha abadan thalika alfawzu alAAatheemu

Translation: Nimwibuke n’umusi Imana Allah, Yabakoranirije hamwe ku musi w’iyegeranywa ry’ibiremwa. Uwo, ni wo musi w’uruhombo no kwicuza. Uwo wese rero yemera Imana Allah agakora n’ivyiza bitegetswe, Izomubabarira ibicumuro vyiwe, Imwinjize no mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi. Bazoyibamwo ibihe bidahera, mu nema zamaho. Iyo rero, ni yo ntsinzi ihambaye.

64:10

وَٱلَّذِينَ كَفَرُواْ وَكَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَآ أُوْلَـٰٓئِكَ أَصۡحَٰبُ ٱلنَّارِ خَٰلِدِينَ فِيهَاۖ وَبِئۡسَ ٱلۡمَصِيرُ ﴿10﴾

Transliteration: Waallatheena kafaroo wakaththaboo biayatina olaika ashabu alnnari khalideena feeha wabisa almaseeru

Translation: Nayo abagararije mu guhakana ko Allah ari Imana Imwe Rudende, bagahakana n’ivyemezo vyayo Yarungikanye Intumwa, vyerekana ko Ikwiye gusengwa ari Imana Imwe Rudende Itabangikanywa; abo, ni bo bantu rero bo mu muriro udahera, bazowubamwo ibihe bidahera; ayo, ni yo maherezo mabi cane.

64:11

مَآ أَصَابَ مِن مُّصِيبَةٍ إِلَّا بِإِذۡنِ ٱللَّهِۗ وَمَن يُؤۡمِنۢ بِٱللَّهِ يَهۡدِ قَلۡبَهُۥۚ وَٱللَّهُ بِكُلِّ شَيۡءٍ عَلِيمٞ ﴿11﴾

Transliteration: Ma asaba min museebatin illa biithni Allahi waman yumin biAllahi yahdi qalbahu waAllahu bikulli shayin AAaleemun

Translation: Nta n’umwe ashikirwa n’ikiza ico ari co cose, kiretse ko kiba ku bushake n’ubushobozi vy’Imana Allah. Uwo wese yemera Imana Allah vy’ukuri, Imana Allah Izoshoboza umushaha wiwe kwakirana umutima ushima ivyagezwe. Burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, nta co Iyobewe.

64:12

وَأَطِيعُواْ ٱللَّهَ وَأَطِيعُواْ ٱلرَّسُولَۚ فَإِن تَوَلَّيۡتُمۡ فَإِنَّمَا عَلَىٰ رَسُولِنَا ٱلۡبَلَٰغُ ٱلۡمُبِينُ ﴿12﴾

Transliteration: WaateeAAoo Allaha waateeAAoo alrrasoola fain tawallaytum fainnama AAala rasoolina albalaghu almubeenu

Translation: Bantu! Enda rero nyabuna nimwumvire Imana Allah, mwongere mwumvire n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah). Nimwagenza umugongo mukagabitanya, ni ukuri Intumwa yacu, ijejwe gusa gushikiriza ubutumwa butomoye.

64:13

ٱللَّهُ لَآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَۚ وَعَلَى ٱللَّهِ فَلۡيَتَوَكَّلِ ٱلۡمُؤۡمِنُونَ ﴿13﴾

Transliteration: Allahu la ilaha illa huwa waAAala Allahi falyatawakkali almuminoona

Translation: Allah, ni Yo Mana ata yindi mana ibwirijwe gusengwa atari Yo. Abemeramana rero, nibishimikize Imana Allah bayizere.

64:14

يَـٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ إِنَّ مِنۡ أَزۡوَٰجِكُمۡ وَأَوۡلَٰدِكُمۡ عَدُوّٗا لَّكُمۡ فَٱحۡذَرُوهُمۡۚ وَإِن تَعۡفُواْ وَتَصۡفَحُواْ وَتَغۡفِرُواْ فَإِنَّ ٱللَّهَ غَفُورٞ رَّحِيمٌ ﴿14﴾

Transliteration: Ya ayyuha allatheena amanoo inna min azwajikum waawladikum AAaduwwan lakum faihtharoohum wain taAAfoo watasfahoo wataghfiroo fainna Allaha ghafoorun raheemun

Translation: Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Mu vy’ukuri mu bakenyezi banyu no mu bibondo vyanyu, harimwo abansi banyu bashobora kubanyereza, murabiyubara rero. Nimwabagirira ikigongwe mukirengagiza ivyo babagiriye mukanabagumiriza ibanga; mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenimbabazi-ntangere, Nyenimbabazi ku batoni bayo, Izobasubiriza mu ndumane.

64:15

إِنَّمَآ أَمۡوَٰلُكُمۡ وَأَوۡلَٰدُكُمۡ فِتۡنَةٞۚ وَٱللَّهُ عِندَهُۥٓ أَجۡرٌ عَظِيمٞ ﴿15﴾

Transliteration: Innama amwalukum waawladukum fitnatun waAllahu AAindahu ajrun AAatheemun

Translation: Mu vy’ukuri amatungo yanyu n’ibibondo vyanyu, ni ibigeragezo kuri mwebwe. Imana Allah na Yo, Irafise impembo ihambaye.

64:16

فَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ مَا ٱسۡتَطَعۡتُمۡ وَٱسۡمَعُواْ وَأَطِيعُواْ وَأَنفِقُواْ خَيۡرٗا لِّأَنفُسِكُمۡۗ وَمَن يُوقَ شُحَّ نَفۡسِهِۦ فَأُوْلَـٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡمُفۡلِحُونَ ﴿16﴾

Transliteration: Faittaqoo Allaha ma istataAAtum waismaAAoo waateeAAoo waanfiqoo khayran lianfusikum waman yooqa shuhha nafsihi faolaika humu almuflihoona

Translation: Bemeramana! Kubera ivyo rero, nimwitange uko mushoboye kwose mu kwubahiriza amabwirizwa y'Imana Allah; mwumvire n’Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) muyigamburukire, maze mutange no mu vyo mwaronkejwe ku neza yanyu. Abazokingirwa ntibabe ingumyi; abo, ni bo rero baronse intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.

64:17

إِن تُقۡرِضُواْ ٱللَّهَ قَرۡضًا حَسَنٗا يُضَٰعِفۡهُ لَكُمۡ وَيَغۡفِرۡ لَكُمۡۚ وَٱللَّهُ شَكُورٌ حَلِيمٌ ﴿17﴾

Transliteration: In tuqridoo Allaha qardan hasanan yudaAAifhu lakum wayaghfir lakum waAllahu shakoorun haleemun

Translation: Nimwagurana Imana Allah ingurane nziza (mu gutanga ku bwayo), Izobagwiriza indishi umurengera, Yongere Ibagumirize akabanga ku vyaha vyanyu, ntibibahanire. Burya Imana Allah, ni Nyenindishi, Isubiriza mu ndumane uwutanga; Nyenubwitonzi-ntangere, ntiyihutira guhana;

64:18

عَٰلِمُ ٱلۡغَيۡبِ وَٱلشَّهَٰدَةِ ٱلۡعَزِيزُ ٱلۡحَكِيمُ ﴿18﴾

Transliteration: AAalimu alghaybi waalshshahadati alAAazeezu alhakeemu

Translation: Izi ibinyegeje n’ibiboneka. Ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.

Transliteration source: English Transliteration by Tanzil. Used under Tanzil's non-commercial terms; see the source and latest updates at Tanzil. Tanzil translation download