quranm◉

Surah Al-Anfal transliteration

◉ Sura · ∞

8:1

يَسۡـَٔلُونَكَ عَنِ ٱلۡأَنفَالِۖ قُلِ ٱلۡأَنفَالُ لِلَّهِ وَٱلرَّسُولِۖ فَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَأَصۡلِحُواْ ذَاتَ بَيۡنِكُمۡۖ وَأَطِيعُواْ ٱللَّهَ وَرَسُولَهُۥٓ إِن كُنتُم مُّؤۡمِنِينَ ﴿1﴾

Transliteration: Yasaloonaka AAani alanfali quli alanfalu lillahi waalrrasooli faittaqoo Allaha waaslihoo thata baynikum waateeAAoo Allaha warasoolahu in kuntum mumineena

Translation: Muvugishwamana! Ingendanyi zawe zirakubaza ukuntu iminyago mwanyaze ku rugamba rwa Badri yogaburwa! Babwire uti: “Ingingo y’igaburwa ry’iyo minyago, yega Imana Allah n’Intumwa yayo; Intumwa iyigabura yisunze ibwirizwa ry’Imana Allah. Nimugamburukire rero Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, muheze mutunganye imigenderanire hagati yanyu ntimucanishwemwo n’iminyago, maze mushishikare mwumvira Imana Allah n’Intumwa yayo nimwaba muri abemeramana vy’ukuri”.

8:2

إِنَّمَا ٱلۡمُؤۡمِنُونَ ٱلَّذِينَ إِذَا ذُكِرَ ٱللَّهُ وَجِلَتۡ قُلُوبُهُمۡ وَإِذَا تُلِيَتۡ عَلَيۡهِمۡ ءَايَٰتُهُۥ زَادَتۡهُمۡ إِيمَٰنٗا وَعَلَىٰ رَبِّهِمۡ يَتَوَكَّلُونَ ﴿2﴾

Transliteration: Innama almuminoona allatheena itha thukira Allahu wajilat quloobuhum waitha tuliyat AAalayhim ayatuhu zadathum eemanan waAAala rabbihim yatawakkaloona

Translation: Ni ukuri, abemeramana vy’ukuri ni barya iyo havuzwe Imana Allah, imitima yabo ihinda agashitsi; iyo naho basomewe Aayah zayo ziri muri Qor’ani zibongerereza ukwemera ku kwemera basanganwe, kandi bishimikiza Imana yabo Rurema Allah bakayizera;

8:3

ٱلَّذِينَ يُقِيمُونَ ٱلصَّلَوٰةَ وَمِمَّا رَزَقۡنَٰهُمۡ يُنفِقُونَ ﴿3﴾

Transliteration: Allatheena yuqeemoona alssalata wamimma razaqnahum yunfiqoona

Translation: Abatsimbataza amasengesho ku mwanya wayo, bakanatanga no mu vyo Twabaronkeje.

8:4

أُوْلَـٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡمُؤۡمِنُونَ حَقّٗاۚ لَّهُمۡ دَرَجَٰتٌ عِندَ رَبِّهِمۡ وَمَغۡفِرَةٞ وَرِزۡقٞ كَرِيمٞ ﴿4﴾

Transliteration: Olaika humu almuminoona haqqan lahum darajatun AAinda rabbihim wamaghfiratun warizqun kareemun

Translation: Abo barangwa n’iyo migenzo rero, ni bo bemeramana vy’ukuri, baragenewe amacumbi yo mu rwego rwo hejuru ku Mana yabo Rurema Allah, hamwe no kubabarirwa ibicumuro vyabo hamwe n’impano yubashwe y’Ubwami bw’ijuru.

8:5

كَمَآ أَخۡرَجَكَ رَبُّكَ مِنۢ بَيۡتِكَ بِٱلۡحَقِّ وَإِنَّ فَرِيقٗا مِّنَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ لَكَٰرِهُونَ ﴿5﴾

Transliteration: Kama akhrajaka rabbuka min baytika bialhaqqi wainna fareeqan mina almumineena lakarihoona

Translation: Ihazana ry’ingendanyi kw’igaburwa ry’iminyago, aho Imana Allah Yashinga ingingo y’igaburwa ryayo, ni nk’ihazana ryabo ryo kuja ku rugamba rwa Badri, igihe Imana yawe Rurema Allah Yagutegeka vy’ukuri kuva i Madina ugana ahitwa Badri gutegera ibidandazwa vy’Abakorayishi, n’aho mu vy’ukuri bamwe mu bemeramana batashaka ko mujana.

8:6

يُجَٰدِلُونَكَ فِي ٱلۡحَقِّ بَعۡدَ مَا تَبَيَّنَ كَأَنَّمَا يُسَاقُونَ إِلَى ٱلۡمَوۡتِ وَهُمۡ يَنظُرُونَ ﴿6﴾

Transliteration: Yujadiloonaka fee alhaqqi baAAdama tabayyana kaannama yusaqoona ila almawti wahum yanthuroona

Translation: Bakubazagiza ku vyerekeye indwano ko yohava iba, inyuma y’aho bamaze kumenya neza ko nya ndwano itegerezwa kuba, bari nk’aho boba bashorewe gupfa kandi babona nya rupfu imbere yabo.

8:7

وَإِذۡ يَعِدُكُمُ ٱللَّهُ إِحۡدَى ٱلطَّآئِفَتَيۡنِ أَنَّهَا لَكُمۡ وَتَوَدُّونَ أَنَّ غَيۡرَ ذَاتِ ٱلشَّوۡكَةِ تَكُونُ لَكُمۡ وَيُرِيدُ ٱللَّهُ أَن يُحِقَّ ٱلۡحَقَّ بِكَلِمَٰتِهِۦ وَيَقۡطَعَ دَابِرَ ٱلۡكَٰفِرِينَ ﴿7﴾

Transliteration: Waith yaAAidukumu Allahu ihda alttaifatayni annaha lakum watawaddoona anna ghayra thati alshshawkati takoonu lakum wayureedu Allahu an yuhiqqa alhaqqa bikalimatihi wayaqtaAAa dabira alkafireena

Translation: Ngendanyi mubazagiza ku vyerekeye indwano! Nimwibuke igihe Imana Allah Yabaha isezerano ko mutegerezwa kuronka imwe mu ntsinzi zibiri; ukunyaga ibitwazi n’ibidandazwa vyikoreye canke ugutsinda urugamba, mugashaka ku bwanyu ko mworonka intsinzi yo kunyaga ibitwazi n’ibidandazwa vyikoreye mutabanje kurwana, Imana Allah na Yo Igashaka kugaragaza ukuri kw’ubwislamu, ijambo ryayo na ryo rikaganza mu guhangana n’abagarariji, Igaheza Ikabahonya;

8:8

لِيُحِقَّ ٱلۡحَقَّ وَيُبۡطِلَ ٱلۡبَٰطِلَ وَلَوۡ كَرِهَ ٱلۡمُجۡرِمُونَ ﴿8﴾

Transliteration: Liyuhiqqa alhaqqa wayubtila albatila walaw kariha almujrimoona

Translation: Kugira Imana Allah Iheshe icubahiro ubwislamu n’abislamu, Iheze Ikureho ibangikanyamana n’ababangikanyamana n’aho vyoshavuza abanyavyaha barenga ku mabwirizwa yayo.

8:9

إِذۡ تَسۡتَغِيثُونَ رَبَّكُمۡ فَٱسۡتَجَابَ لَكُمۡ أَنِّي مُمِدُّكُم بِأَلۡفٖ مِّنَ ٱلۡمَلَـٰٓئِكَةِ مُرۡدِفِينَ ﴿9﴾

Transliteration: Ith tastagheethoona rabbakum faistajaba lakum annee mumiddukum bialfin mina almalaikati murdifeena

Translation: Nimwibuke inema y’Imana Allah kuri mwebwe ku musi w’urugamba rwa Badri, igihe mwitabaza Imana Allah ngo Ibahe intsinzi yo kunesha umwansi wanyu, gutyo Imana Allah Iraheza Irabumvira Iti: “Jewe Allah mu vy’ukuri, Ndabateje intege ingabo z’abamalayika ibihumbi bibiri, baturutse mw’ijuru baza bakurakuranwa”.

8:10

وَمَا جَعَلَهُ ٱللَّهُ إِلَّا بُشۡرَىٰ وَلِتَطۡمَئِنَّ بِهِۦ قُلُوبُكُمۡۚ وَمَا ٱلنَّصۡرُ إِلَّا مِنۡ عِندِ ٱللَّهِۚ إِنَّ ٱللَّهَ عَزِيزٌ حَكِيمٌ ﴿10﴾

Transliteration: Wama jaAAalahu Allahu illa bushra walitatmainna bihi quloobukum wama alnnasru illa min AAindi Allahi inna Allaha AAazeezun hakeemun

Translation: Imana Allah ntiyabateye intege atari ukugira bibabere ikimenyetso c’inkuru nziza yo kunesha umwansi, no gutururuza imitima yanyu, gutyo muheze mwizere ata mazinda ko ata ntsinzi mushobora gushikako kiretse ko iba iturutse ku Mana Allah, intsinzi burya ntituruka ku butwari canke ku nguvu zanyu. Imana Allah ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenubutungane mu vyo Ikora.

8:11

إِذۡ يُغَشِّيكُمُ ٱلنُّعَاسَ أَمَنَةٗ مِّنۡهُ وَيُنَزِّلُ عَلَيۡكُم مِّنَ ٱلسَّمَآءِ مَآءٗ لِّيُطَهِّرَكُم بِهِۦ وَيُذۡهِبَ عَنكُمۡ رِجۡزَ ٱلشَّيۡطَٰنِ وَلِيَرۡبِطَ عَلَىٰ قُلُوبِكُمۡ وَيُثَبِّتَ بِهِ ٱلۡأَقۡدَامَ ﴿11﴾

Transliteration: Ith yughashsheekumu alnnuAAasa amanatan minhu wayunazzilu AAalaykum mina alssamai maan liyutahhirakum bihi wayuthhiba AAankum rijza alshshaytani waliyarbita AAala quloobikum wayuthabbita bihi alaqdama

Translation: Ibuka igihe Imana Allah Yabahunyiriza muri ku rugamba rwa Badri, kugira ngo Ibatekanishe ntimwicwe n’ubwoba bwo gutinya gutsindwa, Ikanabamanurira n’amazi y’imvura asukuye kugira ngo Ibahumanure, Inabeze n’imitima ntirangwe n’inyoshambi za shetani, Inabahe n’ukwihangana ku rugamba, Yongere Ibatsimbataze mukenyere zigume, ntimuhave munyerera urugamba rumaze kureta.

8:12

إِذۡ يُوحِي رَبُّكَ إِلَى ٱلۡمَلَـٰٓئِكَةِ أَنِّي مَعَكُمۡ فَثَبِّتُواْ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْۚ سَأُلۡقِي فِي قُلُوبِ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ ٱلرُّعۡبَ فَٱضۡرِبُواْ فَوۡقَ ٱلۡأَعۡنَاقِ وَٱضۡرِبُواْ مِنۡهُمۡ كُلَّ بَنَانٖ ﴿12﴾

Transliteration: Ith yoohee rabbuka ila almalaikati annee maAAakum fathabbitoo allatheena amanoo saolqee fee quloobi allatheena kafaroo alrruAAba faidriboo fawqa alaAAnaqi waidriboo minhum kulla bananin

Translation: Muvugishwamana! Igihe Imana yawe Rurema Allah Yahishurira abamalayika Irungitse kubatera intege ku rugamba rwa “Badri” Iti: “Jewe Allah, mu vy’ukuri Ndi kumwe na mwe Ndabateye intege. Kubera ivyo rero, genda mutere intege abemeye Imana Allah, Nshoke Ntera n’ubwoba mu mitima y’abagararije”, ni uko rero bemeramana! Nimuce imitwe n’ibikonjo vy’abagarariji;

8:13

ذَٰلِكَ بِأَنَّهُمۡ شَآقُّواْ ٱللَّهَ وَرَسُولَهُۥۚ وَمَن يُشَاقِقِ ٱللَّهَ وَرَسُولَهُۥ فَإِنَّ ٱللَّهَ شَدِيدُ ٱلۡعِقَابِ ﴿13﴾

Transliteration: Thalika biannahum shaqqoo Allaha warasoolahu waman yushaqiqi Allaha warasoolahu fainna Allaha shadeedu alAAiqabi

Translation: Ivyo vyashikiye abagarariji ku kwimonogoza kwabo mu guca kubiri n’amabwirizwa y’Imana Allah n’Intumwa yayo. Uwo wese rero yimonogoje mu guca kubiri n’amabwirizwa y’Imana Allah n’Intumwa yayo, mu vy'ukuri Imana Allah Izomuhana Imuhashe kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.

8:14

ذَٰلِكُمۡ فَذُوقُوهُ وَأَنَّ لِلۡكَٰفِرِينَ عَذَابَ ٱلنَّارِ ﴿14﴾

Transliteration: Thalikum fathooqoohu waanna lilkafireena AAathaba alnnari

Translation: Bagarariji! Ico ni co gihano canyu, nimucumvirize ng’aha kw’isi. Muranategekanirijwe n’ibihano vyo mu muriro mu buzima bw’inyuma yo gupfa.

8:15

يَـٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ إِذَا لَقِيتُمُ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ زَحۡفٗا فَلَا تُوَلُّوهُمُ ٱلۡأَدۡبَارَ ﴿15﴾

Transliteration: Ya ayyuha allatheena amanoo itha laqeetumu allatheena kafaroo zahfan fala tuwalloohumu aladbara

Translation: Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwahangana imbona nkubone n’abagararije ku rugamba, ntimuzogenze umugongo ngo muhunge, ahubwo murahabera intwari mutsimbatare.

8:16

وَمَن يُوَلِّهِمۡ يَوۡمَئِذٖ دُبُرَهُۥٓ إِلَّا مُتَحَرِّفٗا لِّقِتَالٍ أَوۡ مُتَحَيِّزًا إِلَىٰ فِئَةٖ فَقَدۡ بَآءَ بِغَضَبٖ مِّنَ ٱللَّهِ وَمَأۡوَىٰهُ جَهَنَّمُۖ وَبِئۡسَ ٱلۡمَصِيرُ ﴿16﴾

Transliteration: Waman yuwallihim yawmaithin duburahu illa mutaharrifan liqitalin aw mutahayyizan ila fiatin faqad baa bighadabin mina Allahi wamawahu jahannamu wabisa almaseeru

Translation: Uwuzogenza umugongo kuri uwo musi, azoba akwiye ishavu ry’Imana Allah, kiretse hamwe yogenza umugongo ashaka kwigobotora ingabo z’abagarariji canke guhungira ku ngabo z’abislamu ziri ku rugamba. Uwuzogenza rero umugongo, ubushikiro bwiwe ni mu muriro wa Jahannamu. Iryo ni ryo herezo ribi cane.

8:17

فَلَمۡ تَقۡتُلُوهُمۡ وَلَٰكِنَّ ٱللَّهَ قَتَلَهُمۡۚ وَمَا رَمَيۡتَ إِذۡ رَمَيۡتَ وَلَٰكِنَّ ٱللَّهَ رَمَىٰ وَلِيُبۡلِيَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ مِنۡهُ بَلَآءً حَسَنًاۚ إِنَّ ٱللَّهَ سَمِيعٌ عَلِيمٞ ﴿17﴾

Transliteration: Falam taqtuloohum walakinna Allaha qatalahum wama ramayta ith ramayta walakinna Allaha rama waliyubliya almumineena minhu balaan hasanan inna Allaha sameeAAun AAaleemun

Translation: Bemeramana! Ntimwishe ababangikanyamana ku rugamba rwa Badri ku bubasha bwanyu, ariko Imana Allah ni Yo Yabashoboje kubica. Eka si na wewe Ntumwa y’Imana wabateye urucekeri mu maso, ariko Imana Allah ni Yo Yagushoboje kubagema mu maso. Ivyo vyagenze ukwo, kugira Imana Allah Igerageze abemeramana igeragezwa ryiza ribashikana ku ntsinzi, rikanabaduza n’urwego rwo hejuru mu guharanira idini ryayo, Yongere Inabamenyeshe inema zayo kuri bo baheze bayishimire. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenukwumva, Irumva ivyo muserura n’ivyo munyegeza mu mishaha, Irazi ivyankenerwa vy’ibiremwa.

8:18

ذَٰلِكُمۡ وَأَنَّ ٱللَّهَ مُوهِنُ كَيۡدِ ٱلۡكَٰفِرِينَ ﴿18﴾

Transliteration: Thalikum waanna Allaha moohinu kaydi alkafireena

Translation: Ivyo vyose rero vyabashikiye ku rugamba rwa “Badri”, bituruka ku Mana Allah, nta n’inkeka rero ko bitebe bitebuke, Imana Allah Izoca ingoga iburagiza ry’abagarariji gushika baneshejwe.

8:19

إِن تَسۡتَفۡتِحُواْ فَقَدۡ جَآءَكُمُ ٱلۡفَتۡحُۖ وَإِن تَنتَهُواْ فَهُوَ خَيۡرٞ لَّكُمۡۖ وَإِن تَعُودُواْ نَعُدۡ وَلَن تُغۡنِيَ عَنكُمۡ فِئَتُكُمۡ شَيۡـٔٗا وَلَوۡ كَثُرَتۡ وَأَنَّ ٱللَّهَ مَعَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ ﴿19﴾

Transliteration: In tastaftihoo faqad jaakumu alfathu wain tantahoo fahuwa khayrun lakum wain taAAoodoo naAAud walan tughniya AAankum fiatukum shayan walaw kathurat waanna Allaha maAAa almumineena

Translation: Bagarariji! Nimwasabira abarenganya abandi igihano ku Mana Allah, nta nkeka ko Imana Allah Yamaze kubumvira igihe Yabahanisha ukuneshwa ku rugamba. Nimwaramuka rero mwisubiyeko mukavavanura n’igarariza ry’Imana Allah, mukanareka kurwanya n’Umuvugishwamana wayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ivyo bizoba ari vyiza kuri mwebwe. Nimwongera kurwanya Umuvugishwamana, Tuzosubira Tubatsinde kandi, imigwi yanyu nta na kimwe izoheza ngo ibamarire, n’aho izoba igizwe n’ingabo n’ibirwanisho vyinshi, kanatsinda Imana Allah Iri kumwe n’abemeramana, ntibatana urugamba.

8:20

يَـٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ أَطِيعُواْ ٱللَّهَ وَرَسُولَهُۥ وَلَا تَوَلَّوۡاْ عَنۡهُ وَأَنتُمۡ تَسۡمَعُونَ ﴿20﴾

Transliteration: Ya ayyuha allatheena amanoo ateeAAoo Allaha warasoolahu wala tawallaw AAanhu waantum tasmaAAoona

Translation: Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimubandanye na ntaryo mwumvira Imana Allah n’Intumwa yayo, ntimuzodohoke kuri iryo yumviramana kandi mwama mwumvise ivyemezo musomerwa muri Qor’ani.

8:21

وَلَا تَكُونُواْ كَٱلَّذِينَ قَالُواْ سَمِعۡنَا وَهُمۡ لَا يَسۡمَعُونَ ﴿21﴾

Transliteration: Wala takoonoo kaallatheena qaloo samiAAna wahum la yasmaAAoona

Translation: Bemeramana! Eka ntimukabe nk’ababangikanyamana n’indyarya mu guca kubiri n’amabwirizwa y’Imana Allah n’Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), igihe basomerwa Qor’ani bavuze bati: “Twumvise”, kandi batigeze bategera namba ivyo bumvise ngo babizirikane.

8:22

إِنَّ شَرَّ ٱلدَّوَآبِّ عِندَ ٱللَّهِ ٱلصُّمُّ ٱلۡبُكۡمُ ٱلَّذِينَ لَا يَعۡقِلُونَ ﴿22﴾

Transliteration: Inna sharra alddawabbi AAinda Allahi alssummu albukmu allatheena la yaAAqiloona

Translation: Mu vy’ukuri ikiremwa kibi cane ku Mana Allah mu biremwa bigendagenda kw’isi, ni intumva zazivye amatwi, zitigera zitahura ukuri; zikaba n’ibiragi vyagovye indimi, zitigera zivuga ukuri. Abo rero, ni bo badatahura ngo bubahirize amabwirizwa y’Imana Allah.

8:23

وَلَوۡ عَلِمَ ٱللَّهُ فِيهِمۡ خَيۡرٗا لَّأَسۡمَعَهُمۡۖ وَلَوۡ أَسۡمَعَهُمۡ لَتَوَلَّواْ وَّهُم مُّعۡرِضُونَ ﴿23﴾

Transliteration: Walaw AAalima Allahu feehim khayran laasmaAAahum walaw asmaAAahum latawallaw wahum muAAridoona

Translation: Iyo Imana Allah Imenya ko barangwa n’iciza, Yari gutuma bumva bagatahura inyigisho za Qor’ani, bagaheza bakanubahiriza n’amabwirizwa yayo. N’iyo Ituma na ho bumva nya nyigisho, bari kugenza umugongo, ntibari kwemera namba n’ibigirankana, birengagiza ukuri bakuzi.

8:24

يَـٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ ٱسۡتَجِيبُواْ لِلَّهِ وَلِلرَّسُولِ إِذَا دَعَاكُمۡ لِمَا يُحۡيِيكُمۡۖ وَٱعۡلَمُوٓاْ أَنَّ ٱللَّهَ يَحُولُ بَيۡنَ ٱلۡمَرۡءِ وَقَلۡبِهِۦ وَأَنَّهُۥٓ إِلَيۡهِ تُحۡشَرُونَ ﴿24﴾

Transliteration: Ya ayyuha allatheena amanoo istajeeboo lillahi walilrrasooli itha daAAakum lima yuhyeekum waiAAlamoo anna Allaha yahoolu bayna almari waqalbihi waannahu ilayhi tuhsharoona

Translation: Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwumvire Imana Allah n’Intumwa yayo mu gihe Ibahamagariye kwubahiriza ukuri guheza kukabaha ubuzima bwiza . Nimumenye ko Imana Allah ari Yo Ishoboye gutera intambamyi hagati y’umuntu n’ivyo umushaha wiwe wipfuza. Mumenye n’uko muzokwegeranirizwa kuri Yo ku musi w’izuka, Igahembera umwe wese ivyo yakoze.

8:25

وَٱتَّقُواْ فِتۡنَةٗ لَّا تُصِيبَنَّ ٱلَّذِينَ ظَلَمُواْ مِنكُمۡ خَآصَّةٗۖ وَٱعۡلَمُوٓاْ أَنَّ ٱللَّهَ شَدِيدُ ٱلۡعِقَابِ ﴿25﴾

Transliteration: Waittaqoo fitnatan la tuseebanna allatheena thalamoo minkum khassatan waiAAlamoo anna Allaha shadeedu alAAiqabi

Translation: Bemeramana! Nimwiyubare igeragezwa ry’ikiza ridashikira gusa ibigaba muri mwebwe , ahubwo riranashikira n’aberanda bari bashoboye gusemerera bakamirira kure ibikorwa n’ivyo bigaba, ariko bakigira ba sindabibazwa, bakirengagiza. Nimumenye kandi ko Imana Allah Ihana Igahasha abaca kubiri n’amabwirizwa yayo.

8:26

وَٱذۡكُرُوٓاْ إِذۡ أَنتُمۡ قَلِيلٞ مُّسۡتَضۡعَفُونَ فِي ٱلۡأَرۡضِ تَخَافُونَ أَن يَتَخَطَّفَكُمُ ٱلنَّاسُ فَـَٔاوَىٰكُمۡ وَأَيَّدَكُم بِنَصۡرِهِۦ وَرَزَقَكُم مِّنَ ٱلطَّيِّبَٰتِ لَعَلَّكُمۡ تَشۡكُرُونَ ﴿26﴾

Transliteration: Waothkuroo ith antum qaleelun mustadAAafoona fee alardi takhafoona an yatakhattafakumu alnnasu faawakum waayyadakum binasrihi warazaqakum mina alttayyibati laAAallakum tashkuroona

Translation: Bemeramana! Nimwibuke inema z’Imana Allah kuri mwebwe igihe mwari inkehwa i Makka, mucinyizwa, mutinya ko abagarariji bobanyuruza bakabamarira ku buhomba, maze Imana Allah Ibaha ubuhungiro, mwimukira i Madina, Iranabatera n’intege mutsinda abagarariji ku rugamba rwa “Badri”, Iranabaronsa iminyago kugira muyishimire.

8:27

يَـٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ لَا تَخُونُواْ ٱللَّهَ وَٱلرَّسُولَ وَتَخُونُوٓاْ أَمَٰنَٰتِكُمۡ وَأَنتُمۡ تَعۡلَمُونَ ﴿27﴾

Transliteration: Ya ayyuha allatheena amanoo la takhoonoo Allaha waalrrasoola watakhoonoo amanatikum waantum taAAlamoona

Translation: Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimugahemukire Imana Allah n’Intumwa yayo mu kurenga ku mabwirizwa yayo. Ntimukanihemukire mwebwe nyene mu kudacungera imbitso mwaragijwe n’Imana Allah, kandi muzi neza ko mutegerezwa kuzibungabunga.

8:28

وَٱعۡلَمُوٓاْ أَنَّمَآ أَمۡوَٰلُكُمۡ وَأَوۡلَٰدُكُمۡ فِتۡنَةٞ وَأَنَّ ٱللَّهَ عِندَهُۥٓ أَجۡرٌ عَظِيمٞ ﴿28﴾

Transliteration: WaiAAlamoo annama amwalukum waawladukum fitnatun waanna Allaha AAindahu ajrun AAatheemun

Translation: Nimumenye kandi ko amatungo yanyu n’ibibondo vyanyu, ari ibigeragezo kuri mwebwe kugira Imenye ko muyishimira canke ko muyirengagiza! Mumenye n’uko ku Mana Allah hari impera nta ngere ku bayigamburukira.

8:29

يَـٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ إِن تَتَّقُواْ ٱللَّهَ يَجۡعَل لَّكُمۡ فُرۡقَانٗا وَيُكَفِّرۡ عَنكُمۡ سَيِّـَٔاتِكُمۡ وَيَغۡفِرۡ لَكُمۡۗ وَٱللَّهُ ذُو ٱلۡفَضۡلِ ٱلۡعَظِيمِ ﴿29﴾

Transliteration: Ya ayyuha allatheena amanoo in tattaqoo Allaha yajAAal lakum furqanan wayukaffir AAankum sayyiatikum wayaghfir lakum waAllahu thoo alfadli alAAatheemi

Translation: Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwatinya Imana Allah mukareka ivyo Yababujije, mukayigamburukira mugakora n’ivyo Yabategetse, Izobashoboza gutandukanya ukuri n’ikinyoma, Iheze Ibababarire ibicumuro vyanyu, Inabagumirize akabanga ibababarire ivyaha vyanyu. Burya Imana Allah ni Nyeningabirano zihambaye.

8:30

وَإِذۡ يَمۡكُرُ بِكَ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ لِيُثۡبِتُوكَ أَوۡ يَقۡتُلُوكَ أَوۡ يُخۡرِجُوكَۚ وَيَمۡكُرُونَ وَيَمۡكُرُ ٱللَّهُۖ وَٱللَّهُ خَيۡرُ ٱلۡمَٰكِرِينَ ﴿30﴾

Transliteration: Waith yamkuru bika allatheena kafaroo liyuthbitooka aw yaqtulooka aw yukhrijooka wayamkuroona wayamkuru Allahu waAllahu khayru almakireena

Translation: Ntumwa y’Imana! Ibuka igihe abagarariji bategura umugambi mubi w’uko bokugira imbohe, bakakwica canke bakakwangaza, bagategura umugambi wo kukugirira nabi, Imana Allah na Yo Ikabahinyura mu kuburizamwo nya mugambi mubi. Burya Imana Allah ni Yo Mwiza w’abahinyura.

8:31

وَإِذَا تُتۡلَىٰ عَلَيۡهِمۡ ءَايَٰتُنَا قَالُواْ قَدۡ سَمِعۡنَا لَوۡ نَشَآءُ لَقُلۡنَا مِثۡلَ هَٰذَآ إِنۡ هَٰذَآ إِلَّآ أَسَٰطِيرُ ٱلۡأَوَّلِينَ ﴿31﴾

Transliteration: Waitha tutla AAalayhim ayatuna qaloo qad samiAAna law nashao laqulna mithla hatha in hatha illa asateeru alawwaleena

Translation: Iyo abagarariji basomewe Aayah zacu Twebwe Allah muri Qor’ani, bavuga n’akagagazo bati: “Ni ukuri turamaze kwumva nk’ivyo! Twobishaka, nta nkeka ko twovuga amajambo nka Qor’ani. Iyo Qor’ani udusomera, si ikindi kiretse ko ari imigani y’ab’aho hambere”.

8:32

وَإِذۡ قَالُواْ ٱللَّهُمَّ إِن كَانَ هَٰذَا هُوَ ٱلۡحَقَّ مِنۡ عِندِكَ فَأَمۡطِرۡ عَلَيۡنَا حِجَارَةٗ مِّنَ ٱلسَّمَآءِ أَوِ ٱئۡتِنَا بِعَذَابٍ أَلِيمٖ ﴿32﴾

Transliteration: Waith qaloo allahumma in kana hatha huwa alhaqqa min AAindika faamtir AAalayna hijaratan mina alssamai awi itina biAAathabin aleemin

Translation: Ntumwa y’Imana! Ibuka kandi igihe ababangikanyamana bavuga n’agahemo bati: “Mana yacu! Ibivugwa na Muhamadi, nivyaba ari ukuri kuvuye iwawe, tumanurire imvura y’urubuye iturutse hejuru, canke duhe igihano kibabaza”.

8:33

وَمَا كَانَ ٱللَّهُ لِيُعَذِّبَهُمۡ وَأَنتَ فِيهِمۡۚ وَمَا كَانَ ٱللَّهُ مُعَذِّبَهُمۡ وَهُمۡ يَسۡتَغۡفِرُونَ ﴿33﴾

Transliteration: Wama kana Allahu liyuAAaththibahum waanta feehim wama kana Allahu muAAaththibahum wahum yastaghfiroona

Translation: Ihibambewe! Imana Allah ntiyari kubahana kandi ukiri hamwe na bo. Imana Allah ntiyari no kubahana mu gihe bagisabira imbabazi ivyaha vyabo.

8:34

وَمَا لَهُمۡ أَلَّا يُعَذِّبَهُمُ ٱللَّهُ وَهُمۡ يَصُدُّونَ عَنِ ٱلۡمَسۡجِدِ ٱلۡحَرَامِ وَمَا كَانُوٓاْ أَوۡلِيَآءَهُۥٓۚ إِنۡ أَوۡلِيَآؤُهُۥٓ إِلَّا ٱلۡمُتَّقُونَ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَهُمۡ لَا يَعۡلَمُونَ ﴿34﴾

Transliteration: Wama lahum alla yuAAaththibahumu Allahu wahum yasuddoona AAani almasjidi alharami wama kanoo awliyaahu in awliyaohu illa almuttaqoona walakinna aktharahum la yaAAlamoona

Translation: Mbega ni gute batoba bakwiye ibihano vy’Imana Allah kandi baburagiza abemeramana gukikura no gusengera mu musigiti mutagatifu! Kanatsinda ntibari n’abatoni b’Imana Allah. Abatoni b’Imana Allah si abandi kiretse abayitinya bakanayigamburukira, ariko abenshi muri bo ntibatahura.

8:35

وَمَا كَانَ صَلَاتُهُمۡ عِندَ ٱلۡبَيۡتِ إِلَّا مُكَآءٗ وَتَصۡدِيَةٗۚ فَذُوقُواْ ٱلۡعَذَابَ بِمَا كُنتُمۡ تَكۡفُرُونَ ﴿35﴾

Transliteration: Wama kana salatuhum AAinda albayti illa mukaan watasdiyatan fathooqoo alAAathaba bima kuntum takfuroona

Translation: Isengesho ry’ababangikanyamana mu musigiti mutagatifu w’i Makka, ntiryari ikindi kiretse gukobereza no gukoma amashi. Nimwumvirize rero ibihano vy’ukwicwa no kugirwa imbohe vyabashikiye ku rugamba rwa “Badri” kubera ubugarariji bwanyu.

8:36

إِنَّ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ يُنفِقُونَ أَمۡوَٰلَهُمۡ لِيَصُدُّواْ عَن سَبِيلِ ٱللَّهِۚ فَسَيُنفِقُونَهَا ثُمَّ تَكُونُ عَلَيۡهِمۡ حَسۡرَةٗ ثُمَّ يُغۡلَبُونَۗ وَٱلَّذِينَ كَفَرُوٓاْ إِلَىٰ جَهَنَّمَ يُحۡشَرُونَ ﴿36﴾

Transliteration: Inna allatheena kafaroo yunfiqoona amwalahum liyasuddoo AAan sabeeli Allahi fasayunfiqoonaha thumma takoonu AAalayhim hasratan thumma yughlaboona waallatheena kafaroo ila jahannama yuhsharoona

Translation: Mu vy’ukuri, abagararije Imana Allah bakanagabira Intumwa yayo, batanga amatungo yabo batiziganya kugira barwanye idini ry’Imana Allah, no kugira babuze abantu kwinjira mw’idini ryayo. Kubera ivyo rero, bazotanga nya matungo hanyuma baruhire kwicuza, kuko impera n’imperuka bategerezwa kuneshwa. Burya abagarariji bazokwegeranirizwa mu muriro wa Jahannamu;

8:37

لِيَمِيزَ ٱللَّهُ ٱلۡخَبِيثَ مِنَ ٱلطَّيِّبِ وَيَجۡعَلَ ٱلۡخَبِيثَ بَعۡضَهُۥ عَلَىٰ بَعۡضٖ فَيَرۡكُمَهُۥ جَمِيعٗا فَيَجۡعَلَهُۥ فِي جَهَنَّمَۚ أُوْلَـٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡخَٰسِرُونَ ﴿37﴾

Transliteration: Liyameeza Allahu alkhabeetha mina alttayyibi wayajAAala alkhabeetha baAAdahu AAala baAAdin fayarkumahu jameeAAan fayajAAalahu fee jahannama olaika humu alkhasiroona

Translation: Ivyo bizogenda ukwo, kugira Imana Allah Itandukanye umubi n’umwiza, gutyo Ikumakumire ababi bose mu muriro wa Jahannamu. Abo bagarariji rero, ni bo bahomvye ubuzima bwabo kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.

8:38

قُل لِّلَّذِينَ كَفَرُوٓاْ إِن يَنتَهُواْ يُغۡفَرۡ لَهُم مَّا قَدۡ سَلَفَ وَإِن يَعُودُواْ فَقَدۡ مَضَتۡ سُنَّتُ ٱلۡأَوَّلِينَ ﴿38﴾

Transliteration: Qul lillatheena kafaroo in yantahoo yughfar lahum ma qad salafa wain yaAAoodoo faqad madat sunnatu alawwaleena

Translation: Ntumwa y’Imana! Bwira abagarariji ko nibaramuka baretse kugarariza bakanareka kurwanya Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), hanyuma bakemera Imana Imwe Rudende Allah, nta nkeka ko Imana Allah Izobagumiriza akabanga Ikabababarira ivyaha vyabo bakoze imbere yuko bemera. Nibasubira kurwanya Imana Allah n’Intumwa yayo naho, ni ukuri Tuzobahana nk’uko Twahanye ab’aho hambere yabo.

8:39

وَقَٰتِلُوهُمۡ حَتَّىٰ لَا تَكُونَ فِتۡنَةٞ وَيَكُونَ ٱلدِّينُ كُلُّهُۥ لِلَّهِۚ فَإِنِ ٱنتَهَوۡاْ فَإِنَّ ٱللَّهَ بِمَا يَعۡمَلُونَ بَصِيرٞ ﴿39﴾

Transliteration: Waqatiloohum hatta la takoona fitnatun wayakoona alddeenu kulluhu lillahi faini intahaw fainna Allaha bima yaAAmaloona baseerun

Translation: Bemeramana! Nimurwanye ababangikanyamana gushika n’aho ibangikanyamana no kurwanya idini ry’Imana Allah biranduranwa n’imizi, gutyo idini risigare ari idini ry’Imana Allah Yonyene. Nibaramuka rero baretse guhohotera abemeramana, bakanemera Imana Imwe Rudende Allah, mu vy’ukuri burya Imana Allah Irabona neza ivyo bakora, ni Yo Nyenukubona.

8:40

وَإِن تَوَلَّوۡاْ فَٱعۡلَمُوٓاْ أَنَّ ٱللَّهَ مَوۡلَىٰكُمۡۚ نِعۡمَ ٱلۡمَوۡلَىٰ وَنِعۡمَ ٱلنَّصِيرُ ﴿40﴾

Transliteration: Wain tawallaw faiAAlamoo anna Allaha mawlakum niAAma almawla waniAAma alnnaseeru

Translation: Nibagenza umugongo naho bakirengagiza ukwemera Imana Imwe Rudende Allah, bakanashishikara kurwanya idini ryayo, muramenya neza bemeramana ko Imana Allah ari Yo Muhagarikizi Ikaba n’Umutabazi wanyu. Irakaba Umwiza w’abahagarikizi ku batoni bayo, Irakaba n’Umwiza w’abatabazi mu kunesha abansi bayo.

8:41

وَٱعۡلَمُوٓاْ أَنَّمَا غَنِمۡتُم مِّن شَيۡءٖ فَأَنَّ لِلَّهِ خُمُسَهُۥ وَلِلرَّسُولِ وَلِذِي ٱلۡقُرۡبَىٰ وَٱلۡيَتَٰمَىٰ وَٱلۡمَسَٰكِينِ وَٱبۡنِ ٱلسَّبِيلِ إِن كُنتُمۡ ءَامَنتُم بِٱللَّهِ وَمَآ أَنزَلۡنَا عَلَىٰ عَبۡدِنَا يَوۡمَ ٱلۡفُرۡقَانِ يَوۡمَ ٱلۡتَقَى ٱلۡجَمۡعَانِۗ وَٱللَّهُ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ قَدِيرٌ ﴿41﴾

Transliteration: WaiAAlamoo annama ghanimtum min shayin faanna lillahi khumusahu walilrrasooli walithee alqurba waalyatama waalmasakeeni waibni alssabeeli in kuntum amantum biAllahi wama anzalna AAala AAabdina yawma alfurqani yawma iltaqa aljamAAani waAllahu AAala kulli shayin qadeerun

Translation: Bemeramana! Nimumenye kandi ko ikintu ico ari co cose munyaze ku rugamba rwo guharanira idini ry’Imana Allah, ivya bitanu bine vyaco ari ivy’abarurwanye, ica gatanu gisigaye kikagaburwamwo imice itanu: umuce ugenerwa Imana Allah n’Intumwa yayo, uheza ugakoreshwa mw’iterambere rusangi ry’abislamu; uwugenerwa abavandimwe b’Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)[1] muri Bene Hashimu na Bene Al-Muttwalib; uw’impfuvyi zitaragera mu bigero; uw’abakene hamwe rero n’uw’abari ku rugendo bakehaniwe n’uburyo. Ivyo rero muravyubahiriza nimwaba mwemera koko Imana Imwe Rudende Allah, mukemera n’ivyo Twebwe Allah Twamanuriye Umuja wacu Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) mu bitangaro, iterantege n’intsinzi Yabashikanyeko ku musi Itandukanya ukuri n’ikinyoma ku rugamba rwa Badri, umusi imigwi ibiri ihangana: uw’abemeramana n’uw’ababangikanyamana; burya rero Imana Allah ni Mushoboravyose.

8:42

إِذۡ أَنتُم بِٱلۡعُدۡوَةِ ٱلدُّنۡيَا وَهُم بِٱلۡعُدۡوَةِ ٱلۡقُصۡوَىٰ وَٱلرَّكۡبُ أَسۡفَلَ مِنكُمۡۚ وَلَوۡ تَوَاعَدتُّمۡ لَٱخۡتَلَفۡتُمۡ فِي ٱلۡمِيعَٰدِ وَلَٰكِن لِّيَقۡضِيَ ٱللَّهُ أَمۡرٗا كَانَ مَفۡعُولٗا لِّيَهۡلِكَ مَنۡ هَلَكَ عَنۢ بَيِّنَةٖ وَيَحۡيَىٰ مَنۡ حَيَّ عَنۢ بَيِّنَةٖۗ وَإِنَّ ٱللَّهَ لَسَمِيعٌ عَلِيمٌ ﴿42﴾

Transliteration: Ith antum bialAAudwati alddunya wahum bialAAudwati alquswa waalrrakbu asfala minkum walaw tawaAAadtum laikhtalaftum fee almeeAAadi walakin liyaqdiya Allahu amran kana mafAAoolan liyahlika man halaka AAan bayyinatin wayahya man hayya AAan bayyinatin wainna Allaha lasameeAAun AAaleemun

Translation: Bemeramana! Nimwibuke n’igihe mwari mu kabande kari mu micungararo ya Madina, umwansi wanyu na we ari mu kabande kari hirya yanyu, ico gihe ibitwazi vyikoreye ibidandazwa vyari amaja epfo yanyu ku nkengera z’ibahari ritukura; iyo muhana isango ryo kuhahurira ntimwari kurihurizako, ariko Imana Allah Yarabahuje kw’isango mutari mwiteze kugira Ishitse icagezwe ko Yageneye intsinzi abatoni bayo, n’uko iteterezwa ryo kwicwa no kugirwa imbohe ari iry’abansi bayo. Ivyo vyabaye ukwo, kugira ngo uwuhahonera wese, ahone yamaze kwibonera ivyemezo vy’Imana Allah; uwuharokoka na we nyene, arokoke yamaze kwibonera ivyemezo vyayo. Mu vy’ukuri, nta nkeka ko Imana Allah ari Nyenukwumva, Irumva ibivugwa n’imigwi yompi; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo iyo migwi ikora n’ivyo izirikana.

8:43

إِذۡ يُرِيكَهُمُ ٱللَّهُ فِي مَنَامِكَ قَلِيلٗاۖ وَلَوۡ أَرَىٰكَهُمۡ كَثِيرٗا لَّفَشِلۡتُمۡ وَلَتَنَٰزَعۡتُمۡ فِي ٱلۡأَمۡرِ وَلَٰكِنَّ ٱللَّهَ سَلَّمَۚ إِنَّهُۥ عَلِيمُۢ بِذَاتِ ٱلصُّدُورِ ﴿43﴾

Transliteration: Ith yureekahumu Allahu fee manamika qaleelan walaw arakahum katheeran lafashiltum walatanazaAAtum fee alamri walakinna Allaha sallama innahu AAaleemun bithati alssudoori

Translation: Muvugishwamana! Ibuka igihe Imana Allah Ikwereka mu ndoto ko igitigiri c’abansi bawe ari gito, ukanabibwira n’abemeramana, gutyo bituma bagira ishaka ryo kuja ku rugamba. Iyo Imana Allah Ikwereka ko igitigiri cabo ari kinini, ingendanyi zawe zari guhazana kuja ku rugamba, bigatuma munanirwa gufata ingingo yo kurujako, ariko rero Imana Allah Yarakinze ntimwananirwa gufata nya ngingo, muraheza murarusimba. Mu vy’ukuri, Imana Allah Irazi ibinyegejwe mu mishaha.

8:44

وَإِذۡ يُرِيكُمُوهُمۡ إِذِ ٱلۡتَقَيۡتُمۡ فِيٓ أَعۡيُنِكُمۡ قَلِيلٗا وَيُقَلِّلُكُمۡ فِيٓ أَعۡيُنِهِمۡ لِيَقۡضِيَ ٱللَّهُ أَمۡرٗا كَانَ مَفۡعُولٗاۗ وَإِلَى ٱللَّهِ تُرۡجَعُ ٱلۡأُمُورُ ﴿44﴾

Transliteration: Waith yureekumoohum ithi iltaqaytum fee aAAyunikum qaleelan wayuqallilukum fee aAAyunihim liyaqdiya Allahu amran kana mafAAoolan waila Allahi turjaAAu alomooru

Translation: Ibuka kandi n’igihe mwahurira n'abansi banyu ku rugamba, Imana Allah Ikabereka ko igitigiri cabo ari gito, gutyo bituma mwubahuka guhangana na bo, na bo nyene Iraheza Ibereka ko igitigiri canyu ari gito kugira ntibitegurire bikwiye kubarwanya. Ivyo vyagenze ukwo, kugira Imana Allah Ishitse icagezwe ko Yageneye abatoni bayo intsinzi, gutyo ijambo ryayo riganze, iry’abagarariji na ryo riganzwe. Burya rero ku Mana Allah, ni ho ibintu vyose bizosubira kugira Ihembere umwe wese ivyo yakoze.

8:45

يَـٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ إِذَا لَقِيتُمۡ فِئَةٗ فَٱثۡبُتُواْ وَٱذۡكُرُواْ ٱللَّهَ كَثِيرٗا لَّعَلَّكُمۡ تُفۡلِحُونَ ﴿45﴾

Transliteration: Ya ayyuha allatheena amanoo itha laqeetum fiatan faothbutoo waothkuroo Allaha katheeran laAAallakum tuflihoona

Translation: Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwahurira ku rugamba n’abagarariji biteguriye bikwiye kubarwanya, muraheza muhabere intwari, mumere magabo ntimuhunge, munaninahaze mutazire kenshi Imana Allah, mwongere muyisabe Ibatere intege kugira muronke intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa;

8:46

وَأَطِيعُواْ ٱللَّهَ وَرَسُولَهُۥ وَلَا تَنَٰزَعُواْ فَتَفۡشَلُواْ وَتَذۡهَبَ رِيحُكُمۡۖ وَٱصۡبِرُوٓاْۚ إِنَّ ٱللَّهَ مَعَ ٱلصَّـٰبِرِينَ ﴿46﴾

Transliteration: WaateeAAoo Allaha warasoolahu wala tanazaAAoo fatafshaloo watathhaba reehukum waisbiroo inna Allaha maAAa alssabireena

Translation: Muheze mwumvire Imana Allah n’Intumwa yayo aho muzoba muri hose, kandi ntimugacanemwo kuko vyobacamwo imigwi, inguvu zanyu na zo zigasanzara, mugashoka munanirwa mugatsindwa. Kubera ivyo rero, ba mwihangana ku rugamba. Mu vy’ukuri, Imana Allah Iri kumwe n’abihangana mu kubatera intege no mu kubashikana ku ntsinzi.

8:47

وَلَا تَكُونُواْ كَٱلَّذِينَ خَرَجُواْ مِن دِيَٰرِهِم بَطَرٗا وَرِئَآءَ ٱلنَّاسِ وَيَصُدُّونَ عَن سَبِيلِ ٱللَّهِۚ وَٱللَّهُ بِمَا يَعۡمَلُونَ مُحِيطٞ ﴿47﴾

Transliteration: Wala takoonoo kaallatheena kharajoo min diyarihim bataran wariaa alnnasi wayasuddoona AAan sabeeli Allahi waAllahu bima yaAAmaloona muheetun

Translation: Ntimukabe rero nk’ababangikanyamana bavuye mu gihugu cabo biyerekana n'amanyama n'akantu, kugira baburagize abantu kwinjira mu bwislamu. Burya Imana Allah, ubumenyi bwayo buhetura ivyo bakora vyose, nta na kimwe Itazi.

8:48

وَإِذۡ زَيَّنَ لَهُمُ ٱلشَّيۡطَٰنُ أَعۡمَٰلَهُمۡ وَقَالَ لَا غَالِبَ لَكُمُ ٱلۡيَوۡمَ مِنَ ٱلنَّاسِ وَإِنِّي جَارٞ لَّكُمۡۖ فَلَمَّا تَرَآءَتِ ٱلۡفِئَتَانِ نَكَصَ عَلَىٰ عَقِبَيۡهِ وَقَالَ إِنِّي بَرِيٓءٞ مِّنكُمۡ إِنِّيٓ أَرَىٰ مَا لَا تَرَوۡنَ إِنِّيٓ أَخَافُ ٱللَّهَۚ وَٱللَّهُ شَدِيدُ ٱلۡعِقَابِ ﴿48﴾

Transliteration: Waith zayyana lahumu alshshaytanu aAAmalahum waqala la ghaliba lakumu alyawma mina alnnasi wainnee jarun lakum falamma taraati alfiatani nakasa AAala AAaqibayhi waqala innee bareeon minkum innee ara ma la tarawna innee akhafu Allaha waAllahu shadeedu alAAiqabi

Translation: Bemeramana! Nimwibuke n’igihe shetani yaryohereza ababangikanyamana icabazanye ku rugamba, ikababwira iti: “Uno musi nta n’umwe abanesha, mu vy’ukuri ndi kumwe na mwe, ndabatabara”. Iyo migwi yompi rero hageze ko ihangana, shetani yagenjeje umugongo irisubirako iti: “Mu vy’ukuri, jewe nditandukanije na mwe; ni ukuri, ndabona ivyo mudashoboye kubona mu bamalayika baje gutera intege abemeramana; jewe mu vy’ukuri ndatinya Imana Allah”. Shetani rero yarabataye mu rudubi hanyuma irabihakana. Burya Imana Allah Irahana Igahasha uwugabitanya, mu gihe atisubiyeko ngo yigaye.

8:49

إِذۡ يَقُولُ ٱلۡمُنَٰفِقُونَ وَٱلَّذِينَ فِي قُلُوبِهِم مَّرَضٌ غَرَّ هَـٰٓؤُلَآءِ دِينُهُمۡۗ وَمَن يَتَوَكَّلۡ عَلَى ٱللَّهِ فَإِنَّ ٱللَّهَ عَزِيزٌ حَكِيمٞ ﴿49﴾

Transliteration: Ith yaqoolu almunafiqoona waallatheena fee quloobihim maradun gharra haolai deenuhum waman yatawakkal AAala Allahi fainna Allaha AAazeezun hakeemun

Translation: Nimwibuke n’igihe indyarya n’abasinzikajwe mu mitima n’indwara y’ubuhakanyi, babona igitigiri gito c’abemeramana n’igitigiri kinini c’abansi babo, bagaca bavuga bati: “Abislamu bahenzwe n’idini ryabo pe! rirahava ribahonya”. Ico batamenye rero, ni uko uwo wese yishimikije Imana Allah akayizera, Itigera Imuta mu rudubi. Burya Imana Allah mu vy’ukuri, ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.

8:50

وَلَوۡ تَرَىٰٓ إِذۡ يَتَوَفَّى ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ ٱلۡمَلَـٰٓئِكَةُ يَضۡرِبُونَ وُجُوهَهُمۡ وَأَدۡبَٰرَهُمۡ وَذُوقُواْ عَذَابَ ٱلۡحَرِيقِ ﴿50﴾

Transliteration: Walaw tara ith yatawaffa allatheena kafaroo almalaikatu yadriboona wujoohahum waadbarahum wathooqoo AAathaba alhareeqi

Translation: Ntumwa y’Imana! Iyo uba wobona ukuntu abagarariji bahanwa, ico gihe wobonye igitangaza giteye ubwoba, igihe abamalayika bariko bakura inkomoko y’ubuzima "roho" mu mishaha y’abagarariji bagasezera isi, babakubita mu maso no mu mugongo; bakazonabashinyaguriza bari mu muriro bati: “Nimuhonje rero ibihano vyo guturirwa mu muriro”[2].

8:51

ذَٰلِكَ بِمَا قَدَّمَتۡ أَيۡدِيكُمۡ وَأَنَّ ٱللَّهَ لَيۡسَ بِظَلَّـٰمٖ لِّلۡعَبِيدِ ﴿51﴾

Transliteration: Thalika bima qaddamat aydeekum waanna Allaha laysa bithallamin lilAAabeedi

Translation: Bagarariji! Ivyo bihano rero vyabashikiye, vyatewe n’ivyo mwakoze ku gatwe kanyu kw’isi, n’uko Imana Allah Itigera Irenganya n’umwe mu biremwa, mu kugabanywa ku vyiza canke mu kurengerezwa ku vyaha; n’aho koba akantu kangana n’inzatsa Izokamuhembera.

8:52

كَدَأۡبِ ءَالِ فِرۡعَوۡنَ وَٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِمۡۚ كَفَرُواْ بِـَٔايَٰتِ ٱللَّهِ فَأَخَذَهُمُ ٱللَّهُ بِذُنُوبِهِمۡۚ إِنَّ ٱللَّهَ قَوِيّٞ شَدِيدُ ٱلۡعِقَابِ ﴿52﴾

Transliteration: Kadabi ali firAAawna waallatheena min qablihim kafaroo biayati Allahi faakhathahumu Allahu bithunoobihim inna Allaha qawiyyun shadeedu alAAiqabi

Translation: Ivyashikiye ababangikanyamana rero kuri uwo musi wa Badri, ni vyo vyashikiye ibigaba mu ntumva z’aho hambere; nk’abantu ba Firawuni n’abo hambere yabo, baragararije Intumwa z’Imana Allah mu guhakana bivuye inyuma Aayah n’ivyemezo vyayo, maze Imana Allah Ica Irabahanira ivyaha vyabo. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyeninguvu, Irahana Igahasha uwo wese atigaya ku vyaha vyiwe.

8:53

ذَٰلِكَ بِأَنَّ ٱللَّهَ لَمۡ يَكُ مُغَيِّرٗا نِّعۡمَةً أَنۡعَمَهَا عَلَىٰ قَوۡمٍ حَتَّىٰ يُغَيِّرُواْ مَا بِأَنفُسِهِمۡ وَأَنَّ ٱللَّهَ سَمِيعٌ عَلِيمٞ ﴿53﴾

Transliteration: Thalika bianna Allaha lam yaku mughayyiran niAAmatan anAAamaha AAala qawmin hatta yughayyiroo ma bianfusihim waanna Allaha sameeAAun AAaleemun

Translation: Ivyo biri ukwo rero, kuko Imana Allah Itigera Yaka inema Yahaye abantu, kiretse iyo ari bo babanje guhindura inyifato bakigenza nabi, n’uko Imana Allah mu vy'ukuri ari Nyenukwumva, Irumva ibivugwa n’ibiremwa; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo bikora, Izohembera kimwe cose ivyo cakoze.

8:54

كَدَأۡبِ ءَالِ فِرۡعَوۡنَ وَٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِمۡۚ كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِ رَبِّهِمۡ فَأَهۡلَكۡنَٰهُم بِذُنُوبِهِمۡ وَأَغۡرَقۡنَآ ءَالَ فِرۡعَوۡنَۚ وَكُلّٞ كَانُواْ ظَٰلِمِينَ ﴿54﴾

Transliteration: Kadabi ali firAAawna waallatheena min qablihim kaththaboo biayati rabbihim faahlaknahum bithunoobihim waaghraqna ala firAAawna wakullun kanoo thalimeena

Translation: Ivyashikiye rero abagarariji, ni nk’ivyashikiye abantu ba Firawuni bagararije Musa, n’abantu b’aho hambere yabo bagararije Intumwa barungikiwe, gutyo Twebwe Allah Duca Tubahanira ivyaha vyabo. Twaranasomesheje nturi mw’ibahari abantu ba Firawuni. Kandi umugwi wose muri bo, warirenganije mu guhakana Intumwa, mu kugarariza ivyemezo vy’Imana Allah no kuyibangikanya.

8:55

إِنَّ شَرَّ ٱلدَّوَآبِّ عِندَ ٱللَّهِ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ فَهُمۡ لَا يُؤۡمِنُونَ ﴿55﴾

Transliteration: Inna sharra alddawabbi AAinda Allahi allatheena kafaroo fahum la yuminoona

Translation: Mu vy’ukuri, ikiremwa kibi cane ku Mana Allah mu biremwa bigendagenda kw’isi, ni abagarariji batsimbatara ku bugarariji, bakareka kwemera Imana Imwe Rudende Allah mu kutubahiriza amabwirizwa yayo, bakanka no kwemera n’Intumwa zayo.

8:56

ٱلَّذِينَ عَٰهَدتَّ مِنۡهُمۡ ثُمَّ يَنقُضُونَ عَهۡدَهُمۡ فِي كُلِّ مَرَّةٖ وَهُمۡ لَا يَتَّقُونَ ﴿56﴾

Transliteration: Allatheena AAahadta minhum thumma yanqudoona AAahdahum fee kulli marratin wahum la yattaqoona

Translation: Ntumwa y'Imana! Muri ivyo biremwa bibi rero, harimwo n’abayahudi wahaye isezerano ryo kutakurwanya canke kutifadikanya n’uwukurwanya, hanyuma barenga kuri nya sezerano kenshi uko bukeye uko bwije, eka ntibanatinya n’Imana Allah.

8:57

فَإِمَّا تَثۡقَفَنَّهُمۡ فِي ٱلۡحَرۡبِ فَشَرِّدۡ بِهِم مَّنۡ خَلۡفَهُمۡ لَعَلَّهُمۡ يَذَّكَّرُونَ ﴿57﴾

Transliteration: Faimma tathqafannahum fee alharbi fasharrid bihim man khalfahum laAAallahum yaththakkaroona

Translation: Niwaramuka rero uhanganye na bo ku rugamba, urabahana ubahashe vy’akarorero, kugira ngo n’abandi babonereho kutazosubira kurenga ku masezerano.

8:58

وَإِمَّا تَخَافَنَّ مِن قَوۡمٍ خِيَانَةٗ فَٱنۢبِذۡ إِلَيۡهِمۡ عَلَىٰ سَوَآءٍۚ إِنَّ ٱللَّهَ لَا يُحِبُّ ٱلۡخَآئِنِينَ ﴿58﴾

Transliteration: Waimma takhafanna min qawmin khiyanatan fainbith ilayhim AAala sawain inna Allaha la yuhibbu alkhaineena

Translation: Ntumwa y’Imana! Niwatinya naho ko hogira abaguhemukira bitwaza amasezerano mufitaniye, mu gihe wamaze kubona ibimenyetso vy’iryo hemuka, uraheza ubitange mu guhagarika amasezerano mwari mufitaniye. Mu vy’ukuri, Imana Allah ntikunda namba abahemuka mu kudohoka ku masezerano.

8:59

وَلَا يَحۡسَبَنَّ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ سَبَقُوٓاْۚ إِنَّهُمۡ لَا يُعۡجِزُونَ ﴿59﴾

Transliteration: Wala yahsabanna allatheena kafaroo sabaqoo innahum la yuAAjizoona

Translation: Abagararije Aayah n'ivyemezo vy’Imana Allah, ntibibaze ko bananiye Imana Allah bakarusimba. Mu vy’ukuri, ntibashobora namba kunanira Imana Allah ngo basimbe ibihano vyayo.

8:60

وَأَعِدُّواْ لَهُم مَّا ٱسۡتَطَعۡتُم مِّن قُوَّةٖ وَمِن رِّبَاطِ ٱلۡخَيۡلِ تُرۡهِبُونَ بِهِۦ عَدُوَّ ٱللَّهِ وَعَدُوَّكُمۡ وَءَاخَرِينَ مِن دُونِهِمۡ لَا تَعۡلَمُونَهُمُ ٱللَّهُ يَعۡلَمُهُمۡۚ وَمَا تُنفِقُواْ مِن شَيۡءٖ فِي سَبِيلِ ٱللَّهِ يُوَفَّ إِلَيۡكُمۡ وَأَنتُمۡ لَا تُظۡلَمُونَ ﴿60﴾

Transliteration: WaaAAiddoo lahum ma istataAAtum min quwwatin wamin ribati alkhayli turhiboona bihi AAaduwwa Allahi waAAaduwwakum waakhareena min doonihim la taAAlamoonahumu Allahu yaAAlamuhum wama tunfiqoo min shayin fee sabeeli Allahi yuwaffa ilaykum waantum la tuthlamoona

Translation: Bislamu! Muritegurira neza uko mushoboye kwose urugamba rwo guhangana n’abansi banyu, mu gutunganya ingabo n’ibirwanisho kugira ngo mutere ubwoba abansi b’Imana Allah, bakaba ari na bo bansi banyu, mutere ubwoba n’abandi mutaramenya ko ari abansi banyu, ariko Imana Allah Ikaba Ibazi n’ivyo bahishije mu mishaha. Ico ari co cose mutanze rero mu nzira yo guharanira idini ry'Imana Allah, caba gito canke kinini, Imana Allah Izokibasubiriza mu ndumane mukiri kw’isi, Iheze Inakibahembere mu buzima bw’inyuma yo gupfa, kandi ntimuzorenganywa namba.

8:61

وَإِن جَنَحُواْ لِلسَّلۡمِ فَٱجۡنَحۡ لَهَا وَتَوَكَّلۡ عَلَى ٱللَّهِۚ إِنَّهُۥ هُوَ ٱلسَّمِيعُ ٱلۡعَلِيمُ ﴿61﴾

Transliteration: Wain janahoo lilssalmi faijnah laha watawakkal AAala Allahi innahu huwa alssameeAAu alAAaleemu

Translation: Ntumwa y’Imana! Nibaramuka baretse kubarwanya bagafata inzira y’amahoro, uraheza ufate iyo nzira y’amahoro nyene, kandi wishimikize Imana Allah unayizere. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Yo Nyenukwumva, Irumva ivyo bavuga; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo bazirikana.

8:62

وَإِن يُرِيدُوٓاْ أَن يَخۡدَعُوكَ فَإِنَّ حَسۡبَكَ ٱللَّهُۚ هُوَ ٱلَّذِيٓ أَيَّدَكَ بِنَصۡرِهِۦ وَبِٱلۡمُؤۡمِنِينَ ﴿62﴾

Transliteration: Wain yureedoo an yakhdaAAooka fainna hasbaka Allahu huwa allathee ayyadaka binasrihi wabialmumineena

Translation: Nibashaka naho kwiyorobeka mu kurondera amahoro ngo bahave baguhinduka mu nyuma, mu vy’ukuri Imana Allah Irakwiye kugira Igukingire inabi yabo, ni Yo Yaguhaye intsinzi Inaguteza ingoga abemeramana[3];

8:63

وَأَلَّفَ بَيۡنَ قُلُوبِهِمۡۚ لَوۡ أَنفَقۡتَ مَا فِي ٱلۡأَرۡضِ جَمِيعٗا مَّآ أَلَّفۡتَ بَيۡنَ قُلُوبِهِمۡ وَلَٰكِنَّ ٱللَّهَ أَلَّفَ بَيۡنَهُمۡۚ إِنَّهُۥ عَزِيزٌ حَكِيمٞ ﴿63﴾

Transliteration: Waallafa bayna quloobihim law anfaqta ma fee alardi jameeAAan ma allafta bayna quloobihim walakinna Allaha allafa baynahum innahu AAazeezun hakeemun

Translation: Iraheza Iranabanywanisha inyuma yuko batacana uwaka. N'iyo utanga amatungo yose y’isi kugira ngo ubanywanishe ku bwawe, ntiwari kubishobora namba; ariko rero, Imana Allah Yarabanywanishije Ibahuriza ku kwemera, gutyo baba abavukanyi barangwa n’urukundo. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.

8:64

يَـٰٓأَيُّهَا ٱلنَّبِيُّ حَسۡبُكَ ٱللَّهُ وَمَنِ ٱتَّبَعَكَ مِنَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ ﴿64﴾

Transliteration: Ya ayyuha alnnabiyyu hasbuka Allahu wamani ittabaAAaka mina almumineena

Translation: Ewe Muvugishwamana! Imana Allah Irakwiye kugira Igukingire inabi yabo. Eka n’abagukurikiye mu bemeramana barakwiye kugira bagukingire inabi yabo.

8:65

يَـٰٓأَيُّهَا ٱلنَّبِيُّ حَرِّضِ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ عَلَى ٱلۡقِتَالِۚ إِن يَكُن مِّنكُمۡ عِشۡرُونَ صَٰبِرُونَ يَغۡلِبُواْ مِاْئَتَيۡنِۚ وَإِن يَكُن مِّنكُم مِّاْئَةٞ يَغۡلِبُوٓاْ أَلۡفٗا مِّنَ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ بِأَنَّهُمۡ قَوۡمٞ لَّا يَفۡقَهُونَ ﴿65﴾

Transliteration: Ya ayyuha alnnabiyyu harridi almumineena AAala alqitali in yakun minkum AAishroona sabiroona yaghliboo miatayni wain yakun minkum miatun yaghliboo alfan mina allatheena kafaroo biannahum qawmun la yafqahoona

Translation: Ewe Muvugishwamana! Himiriza abemeramana kurwana batiziganya. Muri mwebwe nihaba harimwo abantu mirongo ibiri bihangana ku rugamba, bazonesha abantu amajana abiri. Nihaba naho harimwo abantu ijana bihangana ku rugamba, bazonesha abantu igihumbi mu babangikanyamana, kuko ababangikanyamana badatahura indishi zagenewe abaharanira idini ry’Imana Allah.

8:66

ٱلۡـَٰٔنَ خَفَّفَ ٱللَّهُ عَنكُمۡ وَعَلِمَ أَنَّ فِيكُمۡ ضَعۡفٗاۚ فَإِن يَكُن مِّنكُم مِّاْئَةٞ صَابِرَةٞ يَغۡلِبُواْ مِاْئَتَيۡنِۚ وَإِن يَكُن مِّنكُمۡ أَلۡفٞ يَغۡلِبُوٓاْ أَلۡفَيۡنِ بِإِذۡنِ ٱللَّهِۗ وَٱللَّهُ مَعَ ٱلصَّـٰبِرِينَ ﴿66﴾

Transliteration: Alana khaffafa Allahu AAankum waAAalima anna feekum daAAfan fain yakun minkum miatun sabiratun yaghliboo miatayni wain yakun minkum alfun yaghliboo alfayni biithni Allahi waAllahu maAAa alssabireena

Translation: Bemeramana! Kuva ubu rero, ku kubera ingoga nke mufise, Imana Allah Iraborohereje; muri mwebwe nihaba harimwo abantu ijana bihangana, bazonesha abantu amajana abiri mu babangikanyamana. Nihaba naho harimwo abantu igihumbi bihangana, bazonesha abantu ibihumbi bibiri ku burenganzira bw’Imana Allah. Burya Imana Allah, Iri kumwe n’abihangana mu kubatera intege no kubashikana ku ntsinzi.

8:67

مَا كَانَ لِنَبِيٍّ أَن يَكُونَ لَهُۥٓ أَسۡرَىٰ حَتَّىٰ يُثۡخِنَ فِي ٱلۡأَرۡضِۚ تُرِيدُونَ عَرَضَ ٱلدُّنۡيَا وَٱللَّهُ يُرِيدُ ٱلۡأٓخِرَةَۗ وَٱللَّهُ عَزِيزٌ حَكِيمٞ ﴿67﴾

Transliteration: Ma kana linabiyyin an yakoona lahu asra hatta yuthkhina fee alardi tureedoona AAarada alddunya waAllahu yureedu alakhirata waAllahu AAazeezun hakeemun

Translation: Ntivyari bibereye namba ko Umuvugishwamana yogira imbohe abamurwanya atabanje kurwana bigacika, abansi bagaheza bakamutinya, idini na ryo rigashinga imizi. Bislamu! Murondera kuronka ivy’isi bigizwe n’imbohozo zitangwa n’abagizwe imbohe ku rugamba rwa Badri, Imana Allah na Yo Ikarondera gutsimbataza idini ryayo rizobashikana ku buzima bwiza bw’inyuma yo gupfa. Burya Imana Allah, ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa; Intungane mu vyo Ikora.

8:68

لَّوۡلَا كِتَٰبٞ مِّنَ ٱللَّهِ سَبَقَ لَمَسَّكُمۡ فِيمَآ أَخَذۡتُمۡ عَذَابٌ عَظِيمٞ ﴿68﴾

Transliteration: Lawla kitabun mina Allahi sabaqa lamassakum feema akhathtum AAathabun AAatheemun

Translation: Iyo hataba rero ivyamaze kwandikwa mu vyagezwe n’Imana Allah, ko Yabarekuriye iminyago n’imbohozo z’abagizwe imbohe ku rugamba, mwari guhabwa igihano rutura ku kwihutira gutora iminyago n’imbohozo imbere yuko hashingwa ingingo ivyerekeye.

8:69

فَكُلُواْ مِمَّا غَنِمۡتُمۡ حَلَٰلٗا طَيِّبٗاۚ وَٱتَّقُواْ ٱللَّهَۚ إِنَّ ٱللَّهَ غَفُورٞ رَّحِيمٞ ﴿69﴾

Transliteration: Fakuloo mimma ghanimtum halalan tayyiban waittaqoo Allaha inna Allaha ghafoorun raheemun

Translation: Kuva ubu rero, murarekuriwe gufungura mu minyago n’imbohozo, biri no mu vyiza murekuriwe, mwongere mutinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.

8:70

يَـٰٓأَيُّهَا ٱلنَّبِيُّ قُل لِّمَن فِيٓ أَيۡدِيكُم مِّنَ ٱلۡأَسۡرَىٰٓ إِن يَعۡلَمِ ٱللَّهُ فِي قُلُوبِكُمۡ خَيۡرٗا يُؤۡتِكُمۡ خَيۡرٗا مِّمَّآ أُخِذَ مِنكُمۡ وَيَغۡفِرۡ لَكُمۡۚ وَٱللَّهُ غَفُورٞ رَّحِيمٞ ﴿70﴾

Transliteration: Ya ayyuha alnnabiyyu qul liman fee aydeekum mina alasra in yaAAlami Allahu fee quloobikum khayran yutikum khayran mimma okhitha minkum wayaghfir lakum waAllahu ghafoorun raheemun

Translation: Ewe Muvugishwamana! Bwira abo warekuye mu mbohe zo ku rugamba rwa Badri ziri mu minwe yanyu, uti: “Ntimubabazwe n’imbohozo mwatanze! Imana Allah niyamenya ko imishaha yanyu irangwa n’iciza[4], Izoheza Ibahe ivyiza bisumba imbohozo mwatswe, Yongere Ibagumirize akabanga ku vyaha vyanyu, ntimubihanirwe. Burya Imana Allah, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo”;

8:71

وَإِن يُرِيدُواْ خِيَانَتَكَ فَقَدۡ خَانُواْ ٱللَّهَ مِن قَبۡلُ فَأَمۡكَنَ مِنۡهُمۡۗ وَٱللَّهُ عَلِيمٌ حَكِيمٌ ﴿71﴾

Transliteration: Wain yureedoo khiyanataka faqad khanoo Allaha min qablu faamkana minhum waAllahu AAaleemun hakeemun

Translation: Muri izo mbohe warekuye rero, nihagira abashaka kuguhemukira bakakurwanya kandi, ntibizokubabaze ngo ucike intege, mu vy’ukuri baramaze guhemukira Imana Allah imbere y’aho, vyongeye baranakurwanije, maze Imana Allah Iraheza Iragushoboza kubanesha. Burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Irazi ibiri mu mishaha, Intungane mu vyo Ikora.

8:72

إِنَّ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَهَاجَرُواْ وَجَٰهَدُواْ بِأَمۡوَٰلِهِمۡ وَأَنفُسِهِمۡ فِي سَبِيلِ ٱللَّهِ وَٱلَّذِينَ ءَاوَواْ وَّنَصَرُوٓاْ أُوْلَـٰٓئِكَ بَعۡضُهُمۡ أَوۡلِيَآءُ بَعۡضٖۚ وَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَلَمۡ يُهَاجِرُواْ مَا لَكُم مِّن وَلَٰيَتِهِم مِّن شَيۡءٍ حَتَّىٰ يُهَاجِرُواْۚ وَإِنِ ٱسۡتَنصَرُوكُمۡ فِي ٱلدِّينِ فَعَلَيۡكُمُ ٱلنَّصۡرُ إِلَّا عَلَىٰ قَوۡمِۭ بَيۡنَكُمۡ وَبَيۡنَهُم مِّيثَٰقٞۗ وَٱللَّهُ بِمَا تَعۡمَلُونَ بَصِيرٞ ﴿72﴾

Transliteration: Inna allatheena amanoo wahajaroo wajahadoo biamwalihim waanfusihim fee sabeeli Allahi waallatheena awaw wanasaroo olaika baAAduhum awliyao baAAdin waallatheena amanoo walam yuhajiroo ma lakum min walayatihim min shayin hatta yuhajiroo waini istansarookum fee alddeeni faAAalaykumu alnnasru illa AAala qawmin baynakum wabaynahum meethaqun waAllahu bima taAAmaloona baseerun

Translation: Mu vy’ukuri, abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, bakimukira mu gihugu cubaha kikubahiriza ubwislamu[5], bakanaharanira idini ry’Imana Allah mu gutanga amatungo yabo no mu kwitanga ubwabo; n’abasangwa bakiriye abimukira bagasabikanya na bo ivyo bafise, bakanatabara idini ry’Imana Allah, abo rero ni bo batabarana vy’ukuri hagati yabo. Nayo abemeye hanyuma ntibimuka ngo bave mu gihugu kibacinyiza, abo ntimutegetswe namba kubatabara gushika bimutse. Nibarenganywa mu kwemera kwabo bakabatabaza, murabitabira mubatabare, kiretse mu gihe borenganywa n’abo musanzwe mufitaniye amasezerano yo kudasotorana, aho ntimuzorenge na gato kuri nya masezerano. Burya Imana Allah, Irabona neza ivyo mukora, ni Nyenukubona;

8:73

وَٱلَّذِينَ كَفَرُواْ بَعۡضُهُمۡ أَوۡلِيَآءُ بَعۡضٍۚ إِلَّا تَفۡعَلُوهُ تَكُن فِتۡنَةٞ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَفَسَادٞ كَبِيرٞ ﴿73﴾

Transliteration: Waallatheena kafaroo baAAduhum awliyao baAAdin illa tafAAaloohu takun fitnatun fee alardi wafasadun kabeerun

Translation: Kukaba nkako rero, n’abagararije baratabarana hagati yabo. Bemeramana! Nimutatabarana rero hagati yanyu, hazoba igeragezwa kw’isi ku bemeramana mu kwemera kwabo, habe n’ubwononyi bwinshi bushingiye kw’iburagizwa ry’abemeramana.

8:74

وَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَهَاجَرُواْ وَجَٰهَدُواْ فِي سَبِيلِ ٱللَّهِ وَٱلَّذِينَ ءَاوَواْ وَّنَصَرُوٓاْ أُوْلَـٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡمُؤۡمِنُونَ حَقّٗاۚ لَّهُم مَّغۡفِرَةٞ وَرِزۡقٞ كَرِيمٞ ﴿74﴾

Transliteration: Waallatheena amanoo wahajaroo wajahadoo fee sabeeli Allahi waallatheena awaw wanasaroo olaika humu almuminoona haqqan lahum maghfiratun warizqun kareemun

Translation: Abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, bata izabo bakimukira mu gihugu cubaha kikubahiriza ubwislamu, banaharanira idini ry’Imana Allah kugira ritsimbatare, n’abasangwa bakiriye abimukira bagasabikanya na bo ivyo bafise bakanabatabara, abo ni bo bemeramana vy’ukuri rero. Bazogumirizwa akabanga ku vyaha vyabo, ntibabihanirwe; baheze baronke n’impano zubashwe kandi zamaho mu Bwami bw’ijuru.

8:75

وَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ مِنۢ بَعۡدُ وَهَاجَرُواْ وَجَٰهَدُواْ مَعَكُمۡ فَأُوْلَـٰٓئِكَ مِنكُمۡۚ وَأُوْلُواْ ٱلۡأَرۡحَامِ بَعۡضُهُمۡ أَوۡلَىٰ بِبَعۡضٖ فِي كِتَٰبِ ٱللَّهِۚ إِنَّ ٱللَّهَ بِكُلِّ شَيۡءٍ عَلِيمُۢ ﴿75﴾

Transliteration: Waallatheena amanoo min baAAdu wahajaroo wajahadoo maAAakum faolaika minkum waoloo alarhami baAAduhum awla bibaAAdin fee kitabi Allahi inna Allaha bikulli shayin AAaleemun

Translation: N’abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo mu nyuma y'abo bimukira n’abasangwa, bagaheza bakimuka bagafadikanya na mwe mu guharanira idini ry’Imana Allah, abo na bo nyene baharurwa muri mwebwe abemeramana. Burya incuti mu bavandimwe, zigenda zisumbasumbana mu gutorana hisunzwe ingingo y’Imana Allah. Mu vy’ukuri, Imana Allah Irazi neza igitunganye mu gutorana, ni Nyenubumenyikurivyose.

Transliteration source: English Transliteration by Tanzil. Used under Tanzil's non-commercial terms; see the source and latest updates at Tanzil. Tanzil translation download