quranm◉

Surah Al-Isra transliteration

◉ Sura · ∞

17:1

سُبۡحَٰنَ ٱلَّذِيٓ أَسۡرَىٰ بِعَبۡدِهِۦ لَيۡلٗا مِّنَ ٱلۡمَسۡجِدِ ٱلۡحَرَامِ إِلَى ٱلۡمَسۡجِدِ ٱلۡأَقۡصَا ٱلَّذِي بَٰرَكۡنَا حَوۡلَهُۥ لِنُرِيَهُۥ مِنۡ ءَايَٰتِنَآۚ إِنَّهُۥ هُوَ ٱلسَّمِيعُ ٱلۡبَصِيرُ ﴿1﴾

Transliteration: Subhana allathee asra biAAabdihi laylan mina almasjidi alharami ila almasjidi alaqsa allathee barakna hawlahu linuriyahu min ayatina innahu huwa alssameeAAu albaseeru

Translation: Nihaninahazwe Imana Allah Yateye iteka Umuja wayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), Ikamujana ku rugendo rw’ijoro, Imukuye ku musigiti mutagatifu uri i Makka Ikamushikana ku musigiti Al-Aqswa uri mu gisagara ca Bayti l-Maqdis, ahantu Twebwe Allah Twahezagije imirima y’ibiterwa n’ivyamwa bihakikuje, no kuba amamuko ya benshi mu Bavugishwamana, n’ibindi. Twamujanyeyo rero kugira yibonere ukuri kwamye ivyemezo n’ibitangaro vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga; Nyenukubona, Irabona neza ivyo mukora.

17:2

وَءَاتَيۡنَا مُوسَى ٱلۡكِتَٰبَ وَجَعَلۡنَٰهُ هُدٗى لِّبَنِيٓ إِسۡرَـٰٓءِيلَ أَلَّا تَتَّخِذُواْ مِن دُونِي وَكِيلٗا ﴿2﴾

Transliteration: Waatayna moosa alkitaba wajaAAalnahu hudan libanee israeela alla tattakhithoo min doonee wakeelan

Translation: Musa na we nyene Twamuteye iteka ryo kumuha Igitabu ca Tawurati, maze nya Gitabu Tukigira uburongozi kuri Bene Israyeli, aho Twababwirije Duti: “Ntimukagire umuntu n’umwe umuhagarikizi wanyu mu gishingo canje Jewe Allah”.

17:3

ذُرِّيَّةَ مَنۡ حَمَلۡنَا مَعَ نُوحٍۚ إِنَّهُۥ كَانَ عَبۡدٗا شَكُورٗا ﴿3﴾

Transliteration: Thurriyyata man hamalna maAAa noohin innahu kana AAabdan shakooran

Translation: Bantu mukomoka ku bo Twarokoye Tukabatwara mu bwato hamwe na Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah)! Nimwisunge rero akarorero ka Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) mu gushimira Imana Allah no mu kutayibangikanya n’ikintu na kimwe. Mu vy’ukuri Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), yari Umuja w’Imana Allah ashima koko inema zayo.

17:4

وَقَضَيۡنَآ إِلَىٰ بَنِيٓ إِسۡرَـٰٓءِيلَ فِي ٱلۡكِتَٰبِ لَتُفۡسِدُنَّ فِي ٱلۡأَرۡضِ مَرَّتَيۡنِ وَلَتَعۡلُنَّ عُلُوّٗا كَبِيرٗا ﴿4﴾

Transliteration: Waqadayna ila banee israeela fee alkitabi latufsidunna fee alardi marratayni walataAAlunna AAuluwwan kabeeran

Translation: Muri nya Gitabu ca Tawurati, Twarabwiye Bene Israyeli Duti: “Bitebe bitebuke muzogenzwa n’ubwononyi mu gisagara ca Bayti l-Maqdis incuro zibiri, kandi muzokwiganza mube iciro ry’umugani mu kurenganya no kwica Abavugishwamana;

17:5

فَإِذَا جَآءَ وَعۡدُ أُولَىٰهُمَا بَعَثۡنَا عَلَيۡكُمۡ عِبَادٗا لَّنَآ أُوْلِي بَأۡسٖ شَدِيدٖ فَجَاسُواْ خِلَٰلَ ٱلدِّيَارِۚ وَكَانَ وَعۡدٗا مَّفۡعُولٗا ﴿5﴾

Transliteration: Faitha jaa waAAdu oolahuma baAAathna AAalaykum AAibadan lana olee basin shadeedin fajasoo khilala alddiyari wakana waAAdan mafAAoolan

Translation: Igihe rero mwagenjejwe n’ubwononyi ku ncuro ya mbere, Tuzobateza abaja bacu b’intwari ku rugamba, badatinya rukamvye, baheze babice, babangaze. Iryo sango rero ritegerezwa gushika nta kibuza;

17:6

ثُمَّ رَدَدۡنَا لَكُمُ ٱلۡكَرَّةَ عَلَيۡهِمۡ وَأَمۡدَدۡنَٰكُم بِأَمۡوَٰلٖ وَبَنِينَ وَجَعَلۡنَٰكُمۡ أَكۡثَرَ نَفِيرًا ﴿6﴾

Transliteration: Thumma radadna lakumu alkarrata AAalayhim waamdadnakum biamwalin wabaneena wajaAAalnakum akthara nafeeran

Translation: Hanyuma nimwicisha bugufi, Tuzosubira Tubahe intsinzi mwiganzure, Duheze Tubahe ibibondo n’amatungo, Tubahe no kurondoka cane mugwirirane gusumba abandi bantu;

17:7

إِنۡ أَحۡسَنتُمۡ أَحۡسَنتُمۡ لِأَنفُسِكُمۡۖ وَإِنۡ أَسَأۡتُمۡ فَلَهَاۚ فَإِذَا جَآءَ وَعۡدُ ٱلۡأٓخِرَةِ لِيَسُـُٔواْ وُجُوهَكُمۡ وَلِيَدۡخُلُواْ ٱلۡمَسۡجِدَ كَمَا دَخَلُوهُ أَوَّلَ مَرَّةٖ وَلِيُتَبِّرُواْ مَا عَلَوۡاْ تَتۡبِيرًا ﴿7﴾

Transliteration: In ahsantum ahsantum lianfusikum wain asatum falaha faitha jaa waAAdu alakhirati liyasoooo wujoohakum waliyadkhuloo almasjida kama dakhaloohu awwala marratin waliyutabbiroo ma AAalaw tatbeeran

Translation: Nimwarangwa n’ubugwaneza mu vyo mukora no mu vyo muvuga, ubwo bugwaneza buzoba ari ku neza yanyu, muzobuhemberwa. Nimwagenzwa n’ubwononyi naho, inkurikizi za nya bwononyi zizobagarukako, mubihanirwe. Igihe rero mwagenjejwe n’ubwononyi ku ncuro ya kabiri, Tuzobateza kandi abansi banyu kugira babaneshe bongere banabasuzuguze, baheze binjire no mu gisagara ca Bayti l-Maqdis bagisambure nk’uko bagisambuye ubwa mbere, banasenyure n’ico bahuye cose;

17:8

عَسَىٰ رَبُّكُمۡ أَن يَرۡحَمَكُمۡۚ وَإِنۡ عُدتُّمۡ عُدۡنَاۚ وَجَعَلۡنَا جَهَنَّمَ لِلۡكَٰفِرِينَ حَصِيرًا ﴿8﴾

Transliteration: AAasa rabbukum an yarhamakum wain AAudtum AAudna wajaAAalna jahannama lilkafireena haseeran

Translation: Hari n’aho rero Imana yanyu Rurema Allah Yobagirira impuhwe mu gihe mwokwigaya mukisubirako. Nimwaramuka musubiriye kandi kugenzwa n’ubwononyi n’akarenganyo, na Twebwe Allah Tuzosubira Tubahane, Tubasuzuguze. Burya umuriro wa Jahannamu, Twawugeneye kuba ibohero ry’abagarariji[349]”.

17:9

إِنَّ هَٰذَا ٱلۡقُرۡءَانَ يَهۡدِي لِلَّتِي هِيَ أَقۡوَمُ وَيُبَشِّرُ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ ٱلَّذِينَ يَعۡمَلُونَ ٱلصَّـٰلِحَٰتِ أَنَّ لَهُمۡ أَجۡرٗا كَبِيرٗا ﴿9﴾

Transliteration: Inna hatha alqurana yahdee lillatee hiya aqwamu wayubashshiru almumineena allatheena yaAAmaloona alssalihati anna lahum ajran kabeeran

Translation: Mu vy’ukuri iyi Qor’ani, irongora abantu mu nzira igororotse koko y’ubwislamu, igaha inkuru nziza ihumuriza abemeramana bakora ivyiza bitegetswe, ko bategekanirijwe impera nta ngere;

17:10

وَأَنَّ ٱلَّذِينَ لَا يُؤۡمِنُونَ بِٱلۡأٓخِرَةِ أَعۡتَدۡنَا لَهُمۡ عَذَابًا أَلِيمٗا ﴿10﴾

Transliteration: Waanna allatheena la yuminoona bialakhirati aAAtadna lahum AAathaban aleeman

Translation: Ikanagabisha abatemera ko hariho ubuzima bw'inyuma yo gupfa, ko bategekanirijwe ibihano bibabaza.

17:11

وَيَدۡعُ ٱلۡإِنسَٰنُ بِٱلشَّرِّ دُعَآءَهُۥ بِٱلۡخَيۡرِۖ وَكَانَ ٱلۡإِنسَٰنُ عَجُولٗا ﴿11﴾

Transliteration: WayadAAu alinsanu bialshsharri duAAaahu bialkhayri wakana alinsanu AAajoolan

Translation: Umuntu iyo atwawe n’agashavu, hari igihe yihutira kwisabira inabi, agasabira inabi n’abana hamwe n’amatungo vyiwe, nka kurya yisabira iciza, maze Imana Allah ku mpuhwe zayo, Igaheza Ikamwakirira gusa igisabisho yisabiramwo iciza, kuko burya umuntu yama yisabira inabi ku kwihuta no ku kutamenya.

17:12

وَجَعَلۡنَا ٱلَّيۡلَ وَٱلنَّهَارَ ءَايَتَيۡنِۖ فَمَحَوۡنَآ ءَايَةَ ٱلَّيۡلِ وَجَعَلۡنَآ ءَايَةَ ٱلنَّهَارِ مُبۡصِرَةٗ لِّتَبۡتَغُواْ فَضۡلٗا مِّن رَّبِّكُمۡ وَلِتَعۡلَمُواْ عَدَدَ ٱلسِّنِينَ وَٱلۡحِسَابَۚ وَكُلَّ شَيۡءٖ فَصَّلۡنَٰهُ تَفۡصِيلٗا ﴿12﴾

Transliteration: WajaAAalna allayla waalnnahara ayatayni famahawna ayata allayli wajaAAalna ayata alnnahari mubsiratan litabtaghoo fadlan min rabbikum walitaAAlamoo AAadada alssineena waalhisaba wakulla shayin fassalnahu tafseelan

Translation: Ijoro n’umurango Twabigize ibimenyetso bibiri vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende, Turaheza Tuzimya ku murango ikimenyetso c’ijoro c’ukwezi kwaka mw’ijoro, maze Dutuma ikimenyetso c’umurango c’izuba, kimurika ku murango kugira murondere icorirenza mu mpano z’Imana yanyu Rurema Allah, mw’ijoro naho muheze muruhuke, no kugira kandi mushobore kumenya igena ry’imyaka n’igitigiri c’amezi n’imisi[350]. Burya ikintu ico ari co cose Twaragitomoye bikwiye.

17:13

وَكُلَّ إِنسَٰنٍ أَلۡزَمۡنَٰهُ طَـٰٓئِرَهُۥ فِي عُنُقِهِۦۖ وَنُخۡرِجُ لَهُۥ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ كِتَٰبٗا يَلۡقَىٰهُ مَنشُورًا ﴿13﴾

Transliteration: Wakulla insanin alzamnahu tairahu fee AAunuqihi wanukhriju lahu yawma alqiyamati kitaban yalqahu manshooran

Translation: Umuntu uwo ari we wese rero, ivyo akora biri ku gatwe kiwe[351]. Ku musi w’izuka Twebwe Allah, Tuzomuhereza igitabu canditswemwo ivyo yakoze vyose, avyirabire;

17:14

ٱقۡرَأۡ كِتَٰبَكَ كَفَىٰ بِنَفۡسِكَ ٱلۡيَوۡمَ عَلَيۡكَ حَسِيبٗا ﴿14﴾

Transliteration: Iqra kitabaka kafa binafsika alyawma AAalayka haseeban

Translation: Azobwirwa ati: “Isomere igitabu canditswemwo ibikorwa vyawe[352], uno musi ni wewe nyene ukwiye kwimenyera ido n’ido ivyo wakoze, uheze umenye n’impembo yawe ubwawe nyene”.

17:15

مَّنِ ٱهۡتَدَىٰ فَإِنَّمَا يَهۡتَدِي لِنَفۡسِهِۦۖ وَمَن ضَلَّ فَإِنَّمَا يَضِلُّ عَلَيۡهَاۚ وَلَا تَزِرُ وَازِرَةٞ وِزۡرَ أُخۡرَىٰۗ وَمَا كُنَّا مُعَذِّبِينَ حَتَّىٰ نَبۡعَثَ رَسُولٗا ﴿15﴾

Transliteration: Mani ihtada fainnama yahtadee linafsihi waman dalla fainnama yadillu AAalayha wala taziru waziratun wizra okhra wama kunna muAAaththibeena hatta nabAAatha rasoolan

Translation: Uwuzoba rero umugororotsi yaragamburukiye Imana Allah, azoheza ahembwe ivyiza ku bugororotsi bwiwe. Nayo uwuzohuba, akagabitaniriza Imana Allah, azoheza ahembwe ibibi ku buhuvyi bwiwe. Nta muntu n’umwe rero azohanirwa icaha ca mugenziwe. Kandi Twebwe Allah, ntitwigeze Duhanira abantu ivyaha bakoze, Tutabanje kubarungikira Intumwa ibashikiriza ubutumwa bwacu.

17:16

وَإِذَآ أَرَدۡنَآ أَن نُّهۡلِكَ قَرۡيَةً أَمَرۡنَا مُتۡرَفِيهَا فَفَسَقُواْ فِيهَا فَحَقَّ عَلَيۡهَا ٱلۡقَوۡلُ فَدَمَّرۡنَٰهَا تَدۡمِيرٗا ﴿16﴾

Transliteration: Waitha aradna an nuhlika qaryatan amarna mutrafeeha fafasaqoo feeha fahaqqa AAalayha alqawlu fadammarnaha tadmeeran

Translation: Iyo rero Twebwe Allah Dushatse guhonya abantu bo mu gacimbiri ako ari ko kose ku kwirenganya kwabo, Tubanza kubwiriza na canecane abatewe iteka muri bo, ko bogamburuka bakanemera Imana Allah n’Intumwa yayo, maze bakarenga ku mabwirizwa yacu bayazi, gutyo bikaba ngombwa ko bahanwa ata gisivya, Tugaca Tubahonya nya guhonya.

17:17

وَكَمۡ أَهۡلَكۡنَا مِنَ ٱلۡقُرُونِ مِنۢ بَعۡدِ نُوحٖۗ وَكَفَىٰ بِرَبِّكَ بِذُنُوبِ عِبَادِهِۦ خَبِيرَۢا بَصِيرٗا ﴿17﴾

Transliteration: Wakam ahlakna mina alqurooni min baAAdi noohin wakafa birabbika bithunoobi AAibadihi khabeeran baseeran

Translation: Hariho imigwi myinshi y’abantu Twahoneje rero, kuko yagararije Intumwa yarungikiwe inyuma y’irungikwa rya Nuhu. Burya Imana yawe Rurema Allah, Irakwiye kuba Muhetuziwavyose, Nyenukubona, Irazi neza ivyaha bikorwa n’abaja bayo, nta na kimwe Iyobewe.

17:18

مَّن كَانَ يُرِيدُ ٱلۡعَاجِلَةَ عَجَّلۡنَا لَهُۥ فِيهَا مَا نَشَآءُ لِمَن نُّرِيدُ ثُمَّ جَعَلۡنَا لَهُۥ جَهَنَّمَ يَصۡلَىٰهَا مَذۡمُومٗا مَّدۡحُورٗا ﴿18﴾

Transliteration: Man kana yureedu alAAajilata AAajjalna lahu feeha ma nashao liman nureedu thumma jaAAalna lahu jahannama yaslaha mathmooman madhooran

Translation: Uwo wese rero yipfuza kuronka ibihendamaso vy’isi akabihurumbira, ha guhurumbira ibizomufasha mu buzima bw’inyuma yo gupfa, Tuzoheza Turonse Twebwe Allah uwo Dushatse mu biremwa akiri kw’isi, ivyo Dushaka mu vyo Twamugeneye mu vyagezwe, hanyuma Tumutegekanirize umuriro wa Jahannamu azokwinjiramwo afitiwe umwikomo, akwiye ivumwe ry’Imana Allah.

17:19

وَمَنۡ أَرَادَ ٱلۡأٓخِرَةَ وَسَعَىٰ لَهَا سَعۡيَهَا وَهُوَ مُؤۡمِنٞ فَأُوْلَـٰٓئِكَ كَانَ سَعۡيُهُم مَّشۡكُورٗا ﴿19﴾

Transliteration: Waman arada alakhirata wasaAAa laha saAAyaha wahuwa muminun faolaika kana saAAyuhum mashkooran

Translation: Nayo uwushaka guhemberwa ivyo yakoze mu buzima bw’inyuma yo gupfa, maze agahurumbira igamburukiramana, yemera Imana Allah, yizeye n’indishi kuri Yo, uyo ari mu bakirirwa ibikorwa vyabo, bakazonashimirwa n’Imana Allah.

17:20

كُلّٗا نُّمِدُّ هَـٰٓؤُلَآءِ وَهَـٰٓؤُلَآءِ مِنۡ عَطَآءِ رَبِّكَۚ وَمَا كَانَ عَطَآءُ رَبِّكَ مَحۡظُورًا ﴿20﴾

Transliteration: Kullan numiddu haolai wahaolai min AAatai rabbika wama kana AAatao rabbika mahthooran

Translation: Umugwi umwe wose rero muri iyo migwi ibiri; waba uw’abipfuza bagahurumbira ibihendamaso vy’isi, canke uw’abahurumbira indishi yo mu buzima bw’inyuma yo gupfa, Twebwe Allah Tuwuronsa ibiwubeshaho kw’isi mu mpano zacu, burya impano z’Imana yawe Rurema Allah, kw’isi nta n’umwe yimiriwe kuzironkako.

17:21

ٱنظُرۡ كَيۡفَ فَضَّلۡنَا بَعۡضَهُمۡ عَلَىٰ بَعۡضٖۚ وَلَلۡأٓخِرَةُ أَكۡبَرُ دَرَجَٰتٖ وَأَكۡبَرُ تَفۡضِيلٗا ﴿21﴾

Transliteration: Onthur kayfa faddalna baAAdahum AAala baAAdin walalakhiratu akbaru darajatin waakbaru tafdeelan

Translation: Ntumwa y’Imana! Ehe raba rero ukuntu Twebwe Allah, Twahaye bamwe mu bantu Tubasumbanisha mu bibabeshaho hamwe no mu bikorwa bashoboye. Ni ukuri, ubuzima bw’inyuma yo gupfa ku bemeramana, ni bwo bw’icubahiro muri vyose gusumba ubwo kw’isi.

17:22

لَّا تَجۡعَلۡ مَعَ ٱللَّهِ إِلَٰهًا ءَاخَرَ فَتَقۡعُدَ مَذۡمُومٗا مَّخۡذُولٗا ﴿22﴾

Transliteration: La tajAAal maAAa Allahi ilahan akhara fataqAAuda mathmooman makhthoolan

Translation: Muntu! Ntukabangikanye Imana Allah n’iyindi mana, ngo wisange utewe ivyatsi n’Imana Allah, wongere unagirirwe n’umwikomo na Yo maze uteterwe.

17:23

وَقَضَىٰ رَبُّكَ أَلَّا تَعۡبُدُوٓاْ إِلَّآ إِيَّاهُ وَبِٱلۡوَٰلِدَيۡنِ إِحۡسَٰنًاۚ إِمَّا يَبۡلُغَنَّ عِندَكَ ٱلۡكِبَرَ أَحَدُهُمَآ أَوۡ كِلَاهُمَا فَلَا تَقُل لَّهُمَآ أُفّٖ وَلَا تَنۡهَرۡهُمَا وَقُل لَّهُمَا قَوۡلٗا كَرِيمٗا ﴿23﴾

Transliteration: Waqada rabbuka alla taAAbudoo illa iyyahu wabialwalidayni ihsanan imma yablughanna AAindaka alkibara ahaduhuma aw kilahuma fala taqul lahuma offin wala tanharhuma waqul lahuma qawlan kareeman

Translation: Muntu! Imana yawe Rurema Allah, Yabwirije ko hatokwiyegerezwa mu bikorwa no mu gusenga ikintu na kimwe kiretse Yo gusa, n'uko hubahwa hakubahirizwa n’abavyeyi mu bugwaneza, na canecane bageze mu za bukuru. Nihagira rero umwe muri bo ashika mu za bukuru canke bompi, ntukabashireko isoni mu ngiro canke mu mvugo, n’aho kwoba ari ukubimyoza gusa; ntukanabakankamire na rimwe, ahubwo uraheza ubabwire amajambo meza mu rupfasoni;

17:24

وَٱخۡفِضۡ لَهُمَا جَنَاحَ ٱلذُّلِّ مِنَ ٱلرَّحۡمَةِ وَقُل رَّبِّ ٱرۡحَمۡهُمَا كَمَا رَبَّيَانِي صَغِيرٗا ﴿24﴾

Transliteration: Waikhfid lahuma janaha alththulli mina alrrahmati waqul rabbi irhamhuma kama rabbayanee sagheeran

Translation: Uheze wicishe bugufi kuri bo mu kubumvira impuhwe, wongere ubasabire uvuga uti: “Mana yanje Rurema Allah! Girira impuhwe nta ngere abavyeyi banje, nk’uko banyihanganiye bakandera nkiri muto”.

17:25

رَّبُّكُمۡ أَعۡلَمُ بِمَا فِي نُفُوسِكُمۡۚ إِن تَكُونُواْ صَٰلِحِينَ فَإِنَّهُۥ كَانَ لِلۡأَوَّـٰبِينَ غَفُورٗا ﴿25﴾

Transliteration: Rabbukum aAAlamu bima fee nufoosikum in takoonoo saliheena fainnahu kana lilawwabeena ghafooran

Translation: Bantu! Burya Imana yanyu Rurema Allah, Irazi neza ivyo muhishije mu mishaha yanyu; vyaba ivyiza canke ibibi. Nimwaba aberanda rero mu vyo mukora mushaka gushimisha Imana Allah, mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya[353], Izobagirira ikigongwe.

17:26

وَءَاتِ ذَا ٱلۡقُرۡبَىٰ حَقَّهُۥ وَٱلۡمِسۡكِينَ وَٱبۡنَ ٱلسَّبِيلِ وَلَا تُبَذِّرۡ تَبۡذِيرًا ﴿26﴾

Transliteration: Waati tha alqurba haqqahu waalmiskeena waibna alssabeeli wala tubaththir tabtheeran

Translation: Muntu! Urubaha wubahirize agateka k’umuvandimwe wawe mu kumuhereza imperezwa ku bugwaneza, wongere uhe n’umukene atagira shinge na rugero, n’uwuri ku rugendo yakehaniwe n’ikimushikana iyo aroye, kandi ntugatange mu bitarekuwe canke mu buryo bw’isesagura ry’ubutunzi;

17:27

إِنَّ ٱلۡمُبَذِّرِينَ كَانُوٓاْ إِخۡوَٰنَ ٱلشَّيَٰطِينِۖ وَكَانَ ٱلشَّيۡطَٰنُ لِرَبِّهِۦ كَفُورٗا ﴿27﴾

Transliteration: Inna almubaththireena kanoo ikhwana alshshayateeni wakana alshshaytanu lirabbihi kafooran

Translation: Mu vy’ukuri, abatanga mu bitarekuwe canke mu buryo bw’isesagura ry’ubutunzi, ni incuti za shetani mu gukwiragiza ubwononyi n’ivyaha; burya shetani yamye ari umugarariji karuhariwe w’inema z’Imana yayo Rurema Allah;

17:28

وَإِمَّا تُعۡرِضَنَّ عَنۡهُمُ ٱبۡتِغَآءَ رَحۡمَةٖ مِّن رَّبِّكَ تَرۡجُوهَا فَقُل لَّهُمۡ قَوۡلٗا مَّيۡسُورٗا ﴿28﴾

Transliteration: Waimma tuAAridanna AAanhumu ibtighaa rahmatin min rabbika tarjooha faqul lahum qawlan maysooran

Translation: Niwirengagiza guha imperezwa abayigenewe, ku mvo zo kutagira ico wobaha, uzeye kuzoronka ico wobahako ku mpuhwe z’Imana yawe Rurema Allah, uraheza ubabwire akajambo keza k’ituze kabaremesha ko niwaronka uzobaha;

17:29

وَلَا تَجۡعَلۡ يَدَكَ مَغۡلُولَةً إِلَىٰ عُنُقِكَ وَلَا تَبۡسُطۡهَا كُلَّ ٱلۡبَسۡطِ فَتَقۡعُدَ مَلُومٗا مَّحۡسُورًا ﴿29﴾

Transliteration: Wala tajAAal yadaka maghloolatan ila AAunuqika wala tabsutha kulla albasti fataqAAuda malooman mahsooran

Translation: Ntukabe rero ingumyi mu kudatanga mu bikorwa vy’igamburukiramana[354]; kandi ntugasesagure mu gutanga gushika n’aho utanga ibirengeye ubushobozi bwawe, maze ugatangura gutanako imiragwe n’abantu bakakunebagura, ugatangura kwicuza kw’isesagurwa ry’ubutunzi bwawe.

17:30

إِنَّ رَبَّكَ يَبۡسُطُ ٱلرِّزۡقَ لِمَن يَشَآءُ وَيَقۡدِرُۚ إِنَّهُۥ كَانَ بِعِبَادِهِۦ خَبِيرَۢا بَصِيرٗا ﴿30﴾

Transliteration: Inna rabbaka yabsutu alrrizqa liman yashao wayaqdiru innahu kana biAAibadihi khabeeran baseeran

Translation: Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, Iha uwo Ishatse umusesekara gusumba abandi mu bibeshaho ibiremwa, Ikagerera muri vyo uwo Ishatse. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Muhetuziwavyose, Nyenukubona, Irazi neza ibikorwa vy’abaja bayo, nta na kimwe Iyobewe.

17:31

وَلَا تَقۡتُلُوٓاْ أَوۡلَٰدَكُمۡ خَشۡيَةَ إِمۡلَٰقٖۖ نَّحۡنُ نَرۡزُقُهُمۡ وَإِيَّاكُمۡۚ إِنَّ قَتۡلَهُمۡ كَانَ خِطۡـٔٗا كَبِيرٗا ﴿31﴾

Transliteration: Wala taqtuloo awladakum khashyata imlaqin nahnu narzuquhum waiyyakum inna qatlahum kana khitan kabeeran

Translation: Bantu! Ntimukice abana banyu ku mvo zo gutinya ko mwokena. Ni Twebwe Allah Tuzobabeshaho nk’uko na mwe Tubabeshejeho. Mu vy’ukuri, ukwica abana ku mvo zo gutinya gukena, ni icaha rutura;

17:32

وَلَا تَقۡرَبُواْ ٱلزِّنَىٰٓۖ إِنَّهُۥ كَانَ فَٰحِشَةٗ وَسَآءَ سَبِيلٗا ﴿32﴾

Transliteration: Wala taqraboo alzzina innahu kana fahishatan wasaa sabeelan

Translation: Ntimukegere na gato ivyotuma mugwa mu busambanyi. Mu vy’ukuri ugusambana, ni icaha c'agahomerabunwa, ni n’inzira mbi itabereye namba;

17:33

وَلَا تَقۡتُلُواْ ٱلنَّفۡسَ ٱلَّتِي حَرَّمَ ٱللَّهُ إِلَّا بِٱلۡحَقِّۗ وَمَن قُتِلَ مَظۡلُومٗا فَقَدۡ جَعَلۡنَا لِوَلِيِّهِۦ سُلۡطَٰنٗا فَلَا يُسۡرِف فِّي ٱلۡقَتۡلِۖ إِنَّهُۥ كَانَ مَنصُورٗا ﴿33﴾

Transliteration: Wala taqtuloo alnnafsa allatee harrama Allahu illa bialhaqqi waman qutila mathlooman faqad jaAAalna liwaliyyihi sultanan fala yusrif fee alqatli innahu kana mansooran

Translation: Kandi ntimukice umuntu Imana Allah Yaziririje ko yicwa, kiretse mu gihe hubahirijwe vy’ukuri ingingo yo kwica[355]. Uwishwe rero ku karenganyo, umuhagarikizi wiwe[356] Twebwe Allah Twaramuhaye ububasha bwo gusaba ubutungane ko uwamwiciye yokwicwa canke agatanga inshumbusho, kandi rero ntarekuriwe na gato kurenga ku ngingo yo kwihora ngo hicwe babiri canke barenga ku kwihorera iyicwa ry’umuntu umwe, canke ngo uwishe yicwe urw’agashinyaguro; mu vy’ukuri umuhagarikizi w’uwishwe, Imana Allah Izomutera intege gushika yihorere uwishwe;

17:34

وَلَا تَقۡرَبُواْ مَالَ ٱلۡيَتِيمِ إِلَّا بِٱلَّتِي هِيَ أَحۡسَنُ حَتَّىٰ يَبۡلُغَ أَشُدَّهُۥۚ وَأَوۡفُواْ بِٱلۡعَهۡدِۖ إِنَّ ٱلۡعَهۡدَ كَانَ مَسۡـُٔولٗا ﴿34﴾

Transliteration: Wala taqraboo mala alyateemi illa biallatee hiya ahsanu hatta yablugha ashuddahu waawfoo bialAAahdi inna alAAahda kana masoolan

Translation: Vyongeye, ntimugatandukire amatungo y’impfuvyi mureze ngo muyakoreshe mu kuyigurana, kiretse mu bintu nkenerwa ku neza[357] ya nya mpfuvyi gushika igere mu bigero, ishobore no kumenya gukoresha nya matungo. Muraheza mwubahirize kandi n’isezerano mwemeye ryo kurera nya mpfuvyi no kuyicungerera amatungo yayo. Mu vy’ukuri, umuntu azobazwa n’Imana Allah ku musi w’izuka ko yubahirije isezerano, Iheze Imuhere niyaryubahiriza, canke Imuhane niyahemuka akaridohokako.

17:35

وَأَوۡفُواْ ٱلۡكَيۡلَ إِذَا كِلۡتُمۡ وَزِنُواْ بِٱلۡقِسۡطَاسِ ٱلۡمُسۡتَقِيمِۚ ذَٰلِكَ خَيۡرٞ وَأَحۡسَنُ تَأۡوِيلٗا ﴿35﴾

Transliteration: Waawfoo alkayla itha kiltum wazinoo bialqistasi almustaqeemi thalika khayrun waahsanu taweelan

Translation: Nimukwize ingero nimwagerera abantu, mukwize neza n’ivyo mubagerera ku munzani. Ugutunganiriza abantu ku ngero canke ku munzani, ni vyo vyiza kuri mwebwe kw’isi, ni na vyo muzohemberwa indishi ishemeye mu buzima bw’inyuma yo gupfa.

17:36

وَلَا تَقۡفُ مَا لَيۡسَ لَكَ بِهِۦ عِلۡمٌۚ إِنَّ ٱلسَّمۡعَ وَٱلۡبَصَرَ وَٱلۡفُؤَادَ كُلُّ أُوْلَـٰٓئِكَ كَانَ عَنۡهُ مَسۡـُٔولٗا ﴿36﴾

Transliteration: Wala taqfu ma laysa laka bihi AAilmun inna alssamAAa waalbasara waalfuada kullu olaika kana AAanhu masoolan

Translation: Muntu! Ntukihe gushira mu ngiro canke guhagarikira ivyo udafitiye ubumenyi. Mu vy’ukuri, umuntu azobazwa kw’ikoreshwa ry’amatwi, amaso n’umushaha. Niyakoresha rero ivyo bihimba ku neza, azoheza abihemberwe iciza; niyabikoresha naho ku nabi, azoheza abihemberwe ikibi;

17:37

وَلَا تَمۡشِ فِي ٱلۡأَرۡضِ مَرَحًاۖ إِنَّكَ لَن تَخۡرِقَ ٱلۡأَرۡضَ وَلَن تَبۡلُغَ ٱلۡجِبَالَ طُولٗا ﴿37﴾

Transliteration: Wala tamshi fee alardi marahan innaka lan takhriqa alarda walan tablugha aljibala toolan

Translation: Ntukagendagende n’amanyama n’ubwishime kw’isi, wewe mu vy’ukuri ntuzopfa utoboye isi ku manyama yawe; n’ubwishime bwawe kandi ntibuzotuma ungana n’umusozi mu burebure.

17:38

كُلُّ ذَٰلِكَ كَانَ سَيِّئُهُۥ عِندَ رَبِّكَ مَكۡرُوهٗا ﴿38﴾

Transliteration: Kullu thalika kana sayyiohu AAinda rabbika makroohan

Translation: Izo ngingo n’amabwirizwa y’ibiziririjwe vyadondaguwe ng’aho hejuru, ibibi bibikomokako, Imana yawe Rurema Allah ntibikunda namba.

17:39

ذَٰلِكَ مِمَّآ أَوۡحَىٰٓ إِلَيۡكَ رَبُّكَ مِنَ ٱلۡحِكۡمَةِۗ وَلَا تَجۡعَلۡ مَعَ ٱللَّهِ إِلَٰهًا ءَاخَرَ فَتُلۡقَىٰ فِي جَهَنَّمَ مَلُومٗا مَّدۡحُورًا ﴿39﴾

Transliteration: Thalika mimma awha ilayka rabbuka mina alhikmati wala tajAAal maAAa Allahi ilahan akhara fatulqa fee jahannama malooman madhooran

Translation: Muvugishwamana! Izo ngingo n’amabwirizwa rero, ni bimwe mu vyo Imana yawe Rurema Allah Yaguhishuriye. Muntu! Ntukanabangikanye Imana Allah n’iyindi mana mu gusenga, wohava utabwa mu muriro wa Jahannamu, abantu bagatangura kugutako imiragwe, na we ubwawe ukicuza ukayitako, ukisanga ata ciza na kimwe ufise kiretse ivumwe.

17:40

أَفَأَصۡفَىٰكُمۡ رَبُّكُم بِٱلۡبَنِينَ وَٱتَّخَذَ مِنَ ٱلۡمَلَـٰٓئِكَةِ إِنَٰثًاۚ إِنَّكُمۡ لَتَقُولُونَ قَوۡلًا عَظِيمٗا ﴿40﴾

Transliteration: Afaasfakum rabbukum bialbaneena waittakhatha mina almalaikati inathan innakum lataqooloona qawlan AAatheeman

Translation: Babangikanyamana! Mbega Imana yanyu Rurema Allah Yabahitiyemwo kubaha abana b’abahungu, Iraheza Yigenera mu bamalayika abana b’abakobwa! Mu vy’ukuri, mwebwe muvuga ijambo ribi cane ryo kwomekera abana b’abakobwa ku Mana Allah.

17:41

وَلَقَدۡ صَرَّفۡنَا فِي هَٰذَا ٱلۡقُرۡءَانِ لِيَذَّكَّرُواْ وَمَا يَزِيدُهُمۡ إِلَّا نُفُورٗا ﴿41﴾

Transliteration: Walaqad sarrafna fee hatha alqurani liyaththakkaroo wama yazeeduhum illa nufooran

Translation: Ni ukuri Twebwe Allah, Twaratomoye bikwiye muri Qor’ani, ingingo, amabwirizwa n’inyigisho zitandukanye, kugira abantu banyurwe baheze bikebuke. Iryo tomora ry’ingingo n’amabwirizwa, nta co ryigeze ryongereza abirenganya mu bantu, kiretse ubugaba bwo guhunga ukuri no kutikebuka.

17:42

قُل لَّوۡ كَانَ مَعَهُۥٓ ءَالِهَةٞ كَمَا يَقُولُونَ إِذٗا لَّٱبۡتَغَوۡاْ إِلَىٰ ذِي ٱلۡعَرۡشِ سَبِيلٗا ﴿42﴾

Transliteration: Qul law kana maAAahu alihatun kama yaqooloona ithan laibtaghaw ila thee alAAarshi sabeelan

Translation: Ntumwa y’Imana! Vuga ushimangira isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah, uti: “Imana Allah, iyo Iba Ifise izindi mana biri kumwe nk’uko ababangikanyamana bavuga, nya mana zari kurondera inzira izishikana kw’iganza ry’Imana Allah Nyenubuhangamo”.

17:43

سُبۡحَٰنَهُۥ وَتَعَٰلَىٰ عَمَّا يَقُولُونَ عُلُوّٗا كَبِيرٗا ﴿43﴾

Transliteration: Subhanahu wataAAala AAamma yaqooloona AAuluwwan kabeeran

Translation: Nihaninahazwe Imana Allah, Ihabwe n’icubahiro nta ngere mu buryo burengeye cane ivyo ababangikanyamana bavuga.

17:44

تُسَبِّحُ لَهُ ٱلسَّمَٰوَٰتُ ٱلسَّبۡعُ وَٱلۡأَرۡضُ وَمَن فِيهِنَّۚ وَإِن مِّن شَيۡءٍ إِلَّا يُسَبِّحُ بِحَمۡدِهِۦ وَلَٰكِن لَّا تَفۡقَهُونَ تَسۡبِيحَهُمۡۚ إِنَّهُۥ كَانَ حَلِيمًا غَفُورٗا ﴿44﴾

Transliteration: Tusabbihu lahu alssamawatu alssabAAu waalardu waman feehinna wain min shayin illa yusabbihu bihamdihi walakin la tafqahoona tasbeehahum innahu kana haleeman ghafooran

Translation: Amajuru indwi n’isi hamwe n’ibiri muri vyo, vyose biraninahaza Imana Allah, nta n’ikintu na kimwe rero caremwe, kiretse ko kininahaza Imana Allah mu kuyishimagiza, ariko mwebwe abantu ntimutahura ininahazamana ryavyo. Mu vy’ukuri Imana Allah, Yamye ari Nyenubwitonzi-ntangere, ntiyihutira guhana ibigaba, Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya.

17:45

وَإِذَا قَرَأۡتَ ٱلۡقُرۡءَانَ جَعَلۡنَا بَيۡنَكَ وَبَيۡنَ ٱلَّذِينَ لَا يُؤۡمِنُونَ بِٱلۡأٓخِرَةِ حِجَابٗا مَّسۡتُورٗا ﴿45﴾

Transliteration: Waitha qarata alqurana jaAAalna baynaka wabayna allatheena la yuminoona bialakhirati hijaban mastooran

Translation: Ntumwa y'Imana! Iyo usomye Qor’ani, maze ababangikanyamana bakayumva, mu kubahanira ubutumva bwabo, Duca Dushira ipaziya hagati yawe n’abatemera ubuzima bw’inyuma yo gupfa, maze nya paziya igatuma badatahura Qor’ani;

17:46

وَجَعَلۡنَا عَلَىٰ قُلُوبِهِمۡ أَكِنَّةً أَن يَفۡقَهُوهُ وَفِيٓ ءَاذَانِهِمۡ وَقۡرٗاۚ وَإِذَا ذَكَرۡتَ رَبَّكَ فِي ٱلۡقُرۡءَانِ وَحۡدَهُۥ وَلَّوۡاْ عَلَىٰٓ أَدۡبَٰرِهِمۡ نُفُورٗا ﴿46﴾

Transliteration: WajaAAalna AAala quloobihim akinnatan an yafqahoohu wafee athanihim waqran waitha thakarta rabbaka fee alqurani wahdahu wallaw AAala adbarihim nufooran

Translation: Tugaheza Tugasibanganya n'imitima yabo igacika agatimatare biturutse ku bugaba bwabo, ntibaheze ngo banyurwe na Qor’ani, Tukaziba n’amatwi yabo maze ntibumvirize Qor’ani ngo igire ico ibunguye; n’iyo uyaze Imana yawe Rurema muri Qor’ani, urarikira ko Yosengwa ari Imwe Rudende Itabangikanywa, baca birabira hirya bakagenza umugongo bahunga iryo rarikwa ryo gusenga batabangikanya Imana Imwe Rudende Allah.

17:47

نَّحۡنُ أَعۡلَمُ بِمَا يَسۡتَمِعُونَ بِهِۦٓ إِذۡ يَسۡتَمِعُونَ إِلَيۡكَ وَإِذۡ هُمۡ نَجۡوَىٰٓ إِذۡ يَقُولُ ٱلظَّـٰلِمُونَ إِن تَتَّبِعُونَ إِلَّا رَجُلٗا مَّسۡحُورًا ﴿47﴾

Transliteration: Nahnu aAAlamu bima yastamiAAoona bihi ith yastamiAAoona ilayka waith hum najwa ith yaqoolu alththalimoona in tattabiAAoona illa rajulan mashooran

Translation: Burya rero Twebwe Allah, Turazi neza ihangiro ry’ivyo ababangikanyamana bumviriza iyo bariko bagutega amatwi. Ntibanakwumviriza ku mvo zo gutahura ngo banyurwe. Turazi n’ivyo bavuga mu bwongoshwe, maze abirenganije muri bo, bakavuga bati: “Emwe! Nta co mukurikira kiretse umugabo yarozwe agakeherwa n’ubwenge!”.

17:48

ٱنظُرۡ كَيۡفَ ضَرَبُواْ لَكَ ٱلۡأَمۡثَالَ فَضَلُّواْ فَلَا يَسۡتَطِيعُونَ سَبِيلٗا ﴿48﴾

Transliteration: Onthur kayfa daraboo laka alamthala fadalloo fala yastateeAAoona sabeelan

Translation: Ntumwa y’Imana! Ehe raba ukuntu ababangikanyamana bakugize iciro ry’umugani ko uri umurozi wakehewe n’ubwenge, maze barahuba, eka ntibashobora no gutumbera inzira igororotse y’ukuri.

17:49

وَقَالُوٓاْ أَءِذَا كُنَّا عِظَٰمٗا وَرُفَٰتًا أَءِنَّا لَمَبۡعُوثُونَ خَلۡقٗا جَدِيدٗا ﴿49﴾

Transliteration: Waqaloo aitha kunna AAithaman warufatan ainna lamabAAoothoona khalqan jadeedan

Translation: Ababangikanyamana bavuze bamirira kure izuka ry’ibiremwa, bati: “Aho rero nitwahwera tugacika amagufa yabunzwe akabora, burya tuzosubizwa ubuzima kandi, duheze tuzuke ku musi w’izuka!”.

17:50

قُلۡ كُونُواْ حِجَارَةً أَوۡ حَدِيدًا ﴿50﴾

Transliteration: Qul koonoo hijaratan aw hadeedan

Translation: Ntumwa y’Imana! Bishure uti: “Murashaka muhinduke ibuye canke icuma nimwaba mubishoboye;

17:51

أَوۡ خَلۡقٗا مِّمَّا يَكۡبُرُ فِي صُدُورِكُمۡۚ فَسَيَقُولُونَ مَن يُعِيدُنَاۖ قُلِ ٱلَّذِي فَطَرَكُمۡ أَوَّلَ مَرَّةٖۚ فَسَيُنۡغِضُونَ إِلَيۡكَ رُءُوسَهُمۡ وَيَقُولُونَ مَتَىٰ هُوَۖ قُلۡ عَسَىٰٓ أَن يَكُونَ قَرِيبٗا ﴿51﴾

Transliteration: Aw khalqan mimma yakburu fee sudoorikum fasayaqooloona man yuAAeeduna quli allathee fatarakum awwala marratin fasayunghidoona ilayka ruoosahum wayaqooloona mata huwa qul AAasa an yakoona qareeban

Translation: Canke muhinduke ikindi kiremwa mubona ko gihambaye cane, nta kibuza ko muzozuka”. Umaze kubabwira ivyo, muri ico gihe bazokwinamura bahakana, bati: “Ni nde yodusubiza ubuzima twaramaze gupfa!”. Bakurire inkoni ku gishitsi ubabwire uti: “Imana Allah Yabaremye na mbere, ni Yo Izobazura Ikabasubiza ubuzima”. Nibumva iyo nyishu, bazozungagiza umutwe bitangaza, baheze bavuge bati: “None iryo zuka ry’ibiremwa, rizoba ryari!?”. Uraheza ubishure uti: “Mwobibwirwa n’iki ko kumbure iryo zuka ry’ibiremwa riri hafi kugera!”.

17:52

يَوۡمَ يَدۡعُوكُمۡ فَتَسۡتَجِيبُونَ بِحَمۡدِهِۦ وَتَظُنُّونَ إِن لَّبِثۡتُمۡ إِلَّا قَلِيلٗا ﴿52﴾

Transliteration: Yawma yadAAookum fatastajeeboona bihamdihi watathunnoona in labithtum illa qaleelan

Translation: Umusi Imana Allah, Iyabaremye Yabahamagaye ngo muzuke, maze mukitaba muyishimagiza, mugasokoroka mu kuzimu mwubahiriza itegeko ryayo, muzokwibaza ko mutigeze muba kw’isi kiretse akanya gato, bitewe n’intureka z’uwo musi.

17:53

وَقُل لِّعِبَادِي يَقُولُواْ ٱلَّتِي هِيَ أَحۡسَنُۚ إِنَّ ٱلشَّيۡطَٰنَ يَنزَغُ بَيۡنَهُمۡۚ إِنَّ ٱلشَّيۡطَٰنَ كَانَ لِلۡإِنسَٰنِ عَدُوّٗا مُّبِينٗا ﴿53﴾

Transliteration: Waqul liAAibadee yaqooloo allatee hiya ahsanu inna alshshaytana yanzaghu baynahum inna alshshaytana kana lilinsani AAaduwwan mubeenan

Translation: Ntumwa y’Imana! Bwira abaja banje b’abemeramana bavuge amajambo meza aroranye, abereye mu bihe vyose. Nibatabikora ukwo, bazokwibonerako. Mu vy’ukuri, shetani irateranya ikabiba urwanko hagati yabo; ni ukuri shetani, yamye ari umwansi agaragara kuri kiremwa-muntu.

17:54

رَّبُّكُمۡ أَعۡلَمُ بِكُمۡۖ إِن يَشَأۡ يَرۡحَمۡكُمۡ أَوۡ إِن يَشَأۡ يُعَذِّبۡكُمۡۚ وَمَآ أَرۡسَلۡنَٰكَ عَلَيۡهِمۡ وَكِيلٗا ﴿54﴾

Transliteration: Rabbukum aAAlamu bikum in yasha yarhamkum aw in yasha yuAAaththibkum wama arsalnaka AAalayhim wakeelan

Translation: Bantu! Imana yanyu Rurema Allah Irabazi neza. Ishatse Yobagirira impuhwe Ikabashoboza kwemera; canke Ishatse Igatuma muhwerera mu bugarariji, Igaheza Ikabahana. Ntumwa y’Imana! Eka ntitwakurungitse ku bantu kugira ubabere umuhagarikizi ajejwe kubahembera ivyo bakoze;

17:55

وَرَبُّكَ أَعۡلَمُ بِمَن فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۗ وَلَقَدۡ فَضَّلۡنَا بَعۡضَ ٱلنَّبِيِّـۧنَ عَلَىٰ بَعۡضٖۖ وَءَاتَيۡنَا دَاوُۥدَ زَبُورٗا ﴿55﴾

Transliteration: Warabbuka aAAlamu biman fee alssamawati waalardi walaqad faddalna baAAda alnnabiyyeena AAala baAAdin waatayna dawooda zabooran

Translation: Imana yawe Rurema Allah, Irazi neza ibiremwa biri mu majuru no mw’isi. Ni ukuri Twebwe Allah, Twaradugije icubahiro bamwe mu Bavugishwamana gusumba abandi, mu guhabwa Ibitabu n’ubwinshi bw’ababakurikiye, Twaranahaye n’Intumwa Dawudi (nyakugira amahoro y’Imana Allah) Igitabu ca Zaburi.

17:56

قُلِ ٱدۡعُواْ ٱلَّذِينَ زَعَمۡتُم مِّن دُونِهِۦ فَلَا يَمۡلِكُونَ كَشۡفَ ٱلضُّرِّ عَنكُمۡ وَلَا تَحۡوِيلًا ﴿56﴾

Transliteration: Quli odAAu allatheena zaAAamtum min doonihi fala yamlikoona kashfa alddurri AAankum wala tahweelan

Translation: Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Nimusabe mutakambira ibigirwamana musenga mu gishingo c’Imana Allah, maze bibakureko ivyago! Ico mwomenya co, ni uko bidashoboye namba kubakurako nya vyago; kira noneho rero, ntibinashoboye no gutera ivyago n’uwundi atari mwebwe[358]”.

17:57

أُوْلَـٰٓئِكَ ٱلَّذِينَ يَدۡعُونَ يَبۡتَغُونَ إِلَىٰ رَبِّهِمُ ٱلۡوَسِيلَةَ أَيُّهُمۡ أَقۡرَبُ وَيَرۡجُونَ رَحۡمَتَهُۥ وَيَخَافُونَ عَذَابَهُۥٓۚ إِنَّ عَذَابَ رَبِّكَ كَانَ مَحۡذُورٗا ﴿57﴾

Transliteration: Olaika allatheena yadAAoona yabtaghoona ila rabbihimu alwaseelata ayyuhum aqrabu wayarjoona rahmatahu wayakhafoona AAathabahu inna AAathaba rabbika kana mahthooran

Translation: Ivyo bigirwamana musenga mutakambira mu biremwa, vyaba mu Bavugishwamana, mu beranda canke mu bamalayika, birahiganwa mu gukora ivyobishikana ku Mana yavyo Rurema Allah, bikizigira kuronka impuhwe zayo, bigatinya n’ibihano vyayo. Mu vy’ukuri ibihano vy’Imana yawe Rurema Allah, abantu barakwiye kubitinya bakavyigira kure.

17:58

وَإِن مِّن قَرۡيَةٍ إِلَّا نَحۡنُ مُهۡلِكُوهَا قَبۡلَ يَوۡمِ ٱلۡقِيَٰمَةِ أَوۡ مُعَذِّبُوهَا عَذَابٗا شَدِيدٗاۚ كَانَ ذَٰلِكَ فِي ٱلۡكِتَٰبِ مَسۡطُورٗا ﴿58﴾

Transliteration: Wain min qaryatin illa nahnu muhlikooha qabla yawmi alqiyamati aw muAAaththibooha AAathaban shadeedan kana thalika fee alkitabi mastooran

Translation: Nta gacimbiri na kamwe k’abagarariji gahakana Intumwa, kiretse ko Twebwe Allah Tuzogahonya imbere yuko umuhero w’isi ugera; canke Tukagahanisha ibihano bibabaza kw’isi. Iryo honywa n’ihanwa ryako, vyaramaze kwandikwa mu vyagezwe n’Imana Allah.

17:59

وَمَا مَنَعَنَآ أَن نُّرۡسِلَ بِٱلۡأٓيَٰتِ إِلَّآ أَن كَذَّبَ بِهَا ٱلۡأَوَّلُونَۚ وَءَاتَيۡنَا ثَمُودَ ٱلنَّاقَةَ مُبۡصِرَةٗ فَظَلَمُواْ بِهَاۚ وَمَا نُرۡسِلُ بِٱلۡأٓيَٰتِ إِلَّا تَخۡوِيفٗا ﴿59﴾

Transliteration: Wama manaAAana an nursila bialayati illa an kaththaba biha alawwaloona waatayna thamooda alnnaqata mubsiratan fathalamoo biha wama nursilu bialayati illa takhweefan

Translation: Nta catumye Tutamanura ibitangaro vyasabwe n’ababangikanyamana, atari uko abo hambere y’abo Twabamanuriye nya bitangaro bakabihakana. Twarahaye Bene Thamuudi (barungikiwe Intumwa Swalehe) igitangaro gitomoye c’ingamiya, baraheza barirenganya bivuye inyuma mu guhakana nya gitangaro. Burya Twebwe Allah, ntitwigeze Turungikana Intumwa ibitangaro, atari ukugira ngo abantu batinye ibihano vyacu, baheze bikebuke.

17:60

وَإِذۡ قُلۡنَا لَكَ إِنَّ رَبَّكَ أَحَاطَ بِٱلنَّاسِۚ وَمَا جَعَلۡنَا ٱلرُّءۡيَا ٱلَّتِيٓ أَرَيۡنَٰكَ إِلَّا فِتۡنَةٗ لِّلنَّاسِ وَٱلشَّجَرَةَ ٱلۡمَلۡعُونَةَ فِي ٱلۡقُرۡءَانِۚ وَنُخَوِّفُهُمۡ فَمَا يَزِيدُهُمۡ إِلَّا طُغۡيَٰنٗا كَبِيرٗا ﴿60﴾

Transliteration: Waith qulna laka inna rabbaka ahata bialnnasi wama jaAAalna alrruya allatee araynaka illa fitnatan lilnnasi waalshshajarata almalAAoonata fee alqurani wanukhawwifuhum fama yazeeduhum illa tughyanan kabeeran

Translation: Ntumwa y’Imana! Ibuka n’igihe Twakubwira Duti: “Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, Yarahetuye abantu mu bumenyi n’ubushobozi vyayo. N’ivyo Twakweretse mu bitangaje vy’ibiremwa mu rugendo rw’ijoro no mu kuduzwa mw’ijuru, ukabibona ukuri kwamye, ntitwabigize atari ukugira ngo bibe igeragezwa ku bantu; gutyo hagaragare umwemeramana n’umugarariji. N’igiti citwa “Al-Zaqquum” cavumwe, kivugwa muri Qor’ani, na co nyene Twakigize igeragezwa ku bantu. Turanatera rero n’ubwoba ababangikanyamana mu kubarungukira ibihano n’ibitangaro bitandukanye, ariko hamwe n’ivyo vyose, nta na kimwe bibongerereza kiretse ukwimonogoza mu bugarariji”.

17:61

وَإِذۡ قُلۡنَا لِلۡمَلَـٰٓئِكَةِ ٱسۡجُدُواْ لِأٓدَمَ فَسَجَدُوٓاْ إِلَّآ إِبۡلِيسَ قَالَ ءَأَسۡجُدُ لِمَنۡ خَلَقۡتَ طِينٗا ﴿61﴾

Transliteration: Waith qulna lilmalaikati osjudoo liadama fasajadoo illa ibleesa qala aasjudu liman khalaqta teenan

Translation: Ntumwa y’Imana! Ibuka kandi n’igihe Twebwe Allah, Twabwiriza abamalayika hamwe na “Ibilisi[359]” Duti: “Nimwubamire Adamu mumuhe icubahiro kimukwiye”, abamalayika baraheza baragamburuka barubama kiretse Ibilisi yakomoka mu Majini, yaciye avuga ku bwishime n’akantu ati: “Vyoshoboka gute ko nubamira ikiremwa Waremye mw’ivu!”.

17:62

قَالَ أَرَءَيۡتَكَ هَٰذَا ٱلَّذِي كَرَّمۡتَ عَلَيَّ لَئِنۡ أَخَّرۡتَنِ إِلَىٰ يَوۡمِ ٱلۡقِيَٰمَةِ لَأَحۡتَنِكَنَّ ذُرِّيَّتَهُۥٓ إِلَّا قَلِيلٗا ﴿62﴾

Transliteration: Qala araaytaka hatha allathee karramta AAalayya lain akhkhartani ila yawmi alqiyamati laahtanikanna thurriyyatahu illa qaleelan

Translation: Ibilisi n’ubugarariji n’akantu yarubahutse abwira Imana Allah n’agahigihigi ati: “Urabona iki kiremwa Uteye iteka Ukacubahiriza kunsumba, niwampa kuramba gushika ku musi w’izuka, nta co ntazokora mu kurazwa ishinga no gukwiragiza ubwononyi no guhubisha uruvyaro rwaco uko nshoboye kwose, kiretse gusa bake muri rwo bazogutumbera mu vyo bakora”.

17:63

قَالَ ٱذۡهَبۡ فَمَن تَبِعَكَ مِنۡهُمۡ فَإِنَّ جَهَنَّمَ جَزَآؤُكُمۡ جَزَآءٗ مَّوۡفُورٗا ﴿63﴾

Transliteration: Qala ithhab faman tabiAAaka minhum fainna jahannama jazaokum jazaan mawfooran

Translation: Imana Allah Yaciye Ibwira Ibilisi Iti: “Genda umaramarire hiyo! Uwuzogukurikira mu ruvyaro rwa Adamu akakwumvira, mu vy’ukuri igihano cawe hamwe n’abagukurikiye, kirabarindiriye mu muriro wa Jahannamu;

17:64

وَٱسۡتَفۡزِزۡ مَنِ ٱسۡتَطَعۡتَ مِنۡهُم بِصَوۡتِكَ وَأَجۡلِبۡ عَلَيۡهِم بِخَيۡلِكَ وَرَجِلِكَ وَشَارِكۡهُمۡ فِي ٱلۡأَمۡوَٰلِ وَٱلۡأَوۡلَٰدِ وَعِدۡهُمۡۚ وَمَا يَعِدُهُمُ ٱلشَّيۡطَٰنُ إِلَّا غُرُورًا ﴿64﴾

Transliteration: Waistafziz mani istataAAta minhum bisawtika waajlib AAalayhim bikhaylika warajlika washarikhum fee alamwali waalawladi waAAidhum wama yaAAiduhumu alshshaytanu illa ghurooran

Translation: Wewe genda wigarurire abo ushoboye bose muri nya ruvyaro, mu kubararikira ubuhuvyi n’ubwononyi, maze ugireko wegeranya ingabo zawe zose zishoboka, izigendera ku bitwazi n’izigenda n’amaguru, uheze wifadikanye na zo mu kunyengetera mu matungo yabo barondera, baheze bayakoreshe mu kuyatanga mu bizira, unyengetere no muri bo mu kubaryohereza ivyaha no kuvyara abana baciye mu busambanyi; ntugarukirize ng’aho, ahubwo niwongere ubahe isezerano ry’ikinyoma”. Burya shetani, ntiyigera itanga isezerano ry’ukuri, kiretse ko ari uruhendo gusa.

17:65

إِنَّ عِبَادِي لَيۡسَ لَكَ عَلَيۡهِمۡ سُلۡطَٰنٞۚ وَكَفَىٰ بِرَبِّكَ وَكِيلٗا ﴿65﴾

Transliteration: Inna AAibadee laysa laka AAalayhim sultanun wakafa birabbika wakeelan

Translation: Mu vy’ukuri, abaja banje bantumbera mu vyo bakora, nta bubasha ubafiseko namba. Ntumwa y’Imana! Imana yawe Rurema Allah Irakwiye kuba Umuhagarikizi Akingira abantu inyoshambi n’uruhendo vya shetani.

17:66

رَّبُّكُمُ ٱلَّذِي يُزۡجِي لَكُمُ ٱلۡفُلۡكَ فِي ٱلۡبَحۡرِ لِتَبۡتَغُواْ مِن فَضۡلِهِۦٓۚ إِنَّهُۥ كَانَ بِكُمۡ رَحِيمٗا ﴿66﴾

Transliteration: Rabbukumu allathee yuzjee lakumu alfulka fee albahri litabtaghoo min fadlihi innahu kana bikum raheeman

Translation: Bantu! Imana yanyu Rurema Allah, ni Yo Ituma ubwato bubatwara bugendera mw’ibahari, kugira murondere mu mpano zayo mu ruja n’uruza mu rudandazwa. Mu vy’ukuri Imana Allah, Yamye ari Nyenimbabazi n’impuhwe ku biremwa vyayo;

17:67

وَإِذَا مَسَّكُمُ ٱلضُّرُّ فِي ٱلۡبَحۡرِ ضَلَّ مَن تَدۡعُونَ إِلَّآ إِيَّاهُۖ فَلَمَّا نَجَّىٰكُمۡ إِلَى ٱلۡبَرِّ أَعۡرَضۡتُمۡۚ وَكَانَ ٱلۡإِنسَٰنُ كَفُورًا ﴿67﴾

Transliteration: Waitha massakumu alddurru fee albahri dalla man tadAAoona illa iyyahu falamma najjakum ila albarri aAAradtum wakana alinsanu kafooran

Translation: Iyo mukozweko n’ivyago mw’ibahari mugahakwa gutwarwa, mushoka mwibagira ivyo mwahora mubangikanya n'Imana Allah, maze mugasaba Imana Imwe Rudende Allah muyitakambira ngo Ibibakureko, Imana Allah Yamara kubibakurako, Ikabashikana imusozi amahoro, mugaca mwigira ba sindabibazwa mu kwirengagiza itakambiramana ku bugaba bwanyu. Burya zina kiremwa-muntu, kuva na kera na rindi, yamye yihakana inema z’Imana Allah.

17:68

أَفَأَمِنتُمۡ أَن يَخۡسِفَ بِكُمۡ جَانِبَ ٱلۡبَرِّ أَوۡ يُرۡسِلَ عَلَيۡكُمۡ حَاصِبٗا ثُمَّ لَا تَجِدُواْ لَكُمۡ وَكِيلًا ﴿68﴾

Transliteration: Afaamintum an yakhsifa bikum janiba albarri aw yursila AAalaykum hasiban thumma la tajidoo lakum wakeelan

Translation: Mbega bantu! Karashize ingani mugotwe ku bihano vy’Imana Allah, mutekaniwe ku Mana Allah ko Itobafuririra imusozi, canke ko Itobarungikira imvura y’urubuye izananye mu kirere, hanyuma mukisanga ata muhagarikizi n’umwe yoshobora kubakingira ivyo bihano!

17:69

أَمۡ أَمِنتُمۡ أَن يُعِيدَكُمۡ فِيهِ تَارَةً أُخۡرَىٰ فَيُرۡسِلَ عَلَيۡكُمۡ قَاصِفٗا مِّنَ ٱلرِّيحِ فَيُغۡرِقَكُم بِمَا كَفَرۡتُمۡ ثُمَّ لَا تَجِدُواْ لَكُمۡ عَلَيۡنَا بِهِۦ تَبِيعٗا ﴿69﴾

Transliteration: Am amintum an yuAAeedakum feehi taratan okhra fayursila AAalaykum qasifan mina alrreehi fayughriqakum bima kafartum thumma la tajidoo lakum AAalayna bihi tabeeAAan

Translation: Canke mbega hoho, mwoba mutekaniwe ku Mana Allah mu gihe mwamaze kugarariza, ko Itobasubiza kandi mw’ibahari, Igaheza Ikabarungikira igihuhusi kikabasomesha nturi bivuye kw’igarariza ryanyu, hanyuma ntimuronke n’ico mwitwaza ngo mwisigure imbere yacu!

17:70

وَلَقَدۡ كَرَّمۡنَا بَنِيٓ ءَادَمَ وَحَمَلۡنَٰهُمۡ فِي ٱلۡبَرِّ وَٱلۡبَحۡرِ وَرَزَقۡنَٰهُم مِّنَ ٱلطَّيِّبَٰتِ وَفَضَّلۡنَٰهُمۡ عَلَىٰ كَثِيرٖ مِّمَّنۡ خَلَقۡنَا تَفۡضِيلٗا ﴿70﴾

Transliteration: Walaqad karramna banee adama wahamalnahum fee albarri waalbahri warazaqnahum mina alttayyibati wafaddalnahum AAala katheerin mimman khalaqna tafdeelan

Translation: Ni ukuri Twebwe Allah, Twarateye iteka ry’icubahiro Bene Adamu mu kubacisha ubwenge, mu kubarungikira Intumwa no mu kuborohereza kwikora ku biri mw’isi. Twaranabashoboje kwiyunguruza imusozi ku bitwazi, no kwiyunguruza mu bwato mw’ibahari, Tubaronsa n’ibibabeshaho mu mfungurwa n’ibinyobwa vyiza birekuwe, Turaheza rero Tubaha n’icubahiro gisumba ic’ibindi biremwa vyinshi Twaremye.

17:71

يَوۡمَ نَدۡعُواْ كُلَّ أُنَاسِۭ بِإِمَٰمِهِمۡۖ فَمَنۡ أُوتِيَ كِتَٰبَهُۥ بِيَمِينِهِۦ فَأُوْلَـٰٓئِكَ يَقۡرَءُونَ كِتَٰبَهُمۡ وَلَا يُظۡلَمُونَ فَتِيلٗا ﴿71﴾

Transliteration: Yawma nadAAoo kulla onasin biimamihim faman ootiya kitabahu biyameenihi faolaika yaqraoona kitabahum wala yuthlamoona fateelan

Translation: Ntumwa y’Imana! Ibuka umusi w’izuka, igihe Twarengukije umugwi umwumwe w’abantu hamwe n’indongozi yawo bumvira kw’isi bakayikurikira; uwuzogira amahirwe rero akaba muri nya mugwi ari umweranda, maze agahabwa n’igitabu c’ivyo yakoze mu kuboko kw’ukuryo, uyo azoba ari mu bantu bazosoma igitabu cabo bahimbawe n’akamwemwe kenshi. Abo rero, ntibazorenganywa na gato ku ndishi y’ivyo bakoze, n’aho koba akantu kanzunya kangana n’akanyuzi kari ku nda y’urutete rw’itende.

17:72

وَمَن كَانَ فِي هَٰذِهِۦٓ أَعۡمَىٰ فَهُوَ فِي ٱلۡأٓخِرَةِ أَعۡمَىٰ وَأَضَلُّ سَبِيلٗا ﴿72﴾

Transliteration: Waman kana fee hathihi aAAma fahuwa fee alakhirati aAAma waadallu sabeelan

Translation: Nayo uwuzoba kuri iyi si, ari impumyi y’igipfamutima mu kutemera Imana Allah n’Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), no mu buzima bw’inyuma yo gupfa nyene, azoba ari impumyi y’igipfamutima idashobora guca mu nzira igana mu Bwami bw’ijuru, kanatsinda azoba yaranahuvye uguhuba nya guhuba inzira y’uburongozi kw’isi.

17:73

وَإِن كَادُواْ لَيَفۡتِنُونَكَ عَنِ ٱلَّذِيٓ أَوۡحَيۡنَآ إِلَيۡكَ لِتَفۡتَرِيَ عَلَيۡنَا غَيۡرَهُۥۖ وَإِذٗا لَّٱتَّخَذُوكَ خَلِيلٗا ﴿73﴾

Transliteration: Wain kadoo layaftinoonaka AAani allathee awhayna ilayka litaftariya AAalayna ghayrahu waithan laittakhathooka khaleelan

Translation: Ntumwa y’Imana! Ababangikanyamana bahatswe kugukura ku ntumbero y’ivyo Twakumanuriye muri Qor’ani, kugira ngo uturementanirize ibihushanye na vyo, iyo rero uramuka urementanije nk’uko bavyipfuza, ni ukuri bari kukugira umugenzi pfampfe;

17:74

وَلَوۡلَآ أَن ثَبَّتۡنَٰكَ لَقَدۡ كِدتَّ تَرۡكَنُ إِلَيۡهِمۡ شَيۡـٔٗا قَلِيلًا ﴿74﴾

Transliteration: Walawla an thabbatnaka laqad kidta tarkanu ilayhim shayan qaleelan

Translation: Iyo rero Tutagutsimbataza ku kuri, ni ukuri warahatswe guhengamira gato ku ruhande rwabo mu kubemerera bimwe mu vyo bipfuza, kuko baguma bagutega imitego, na we ukamana icizigiro ko bazoteba bakemera.

17:75

إِذٗا لَّأَذَقۡنَٰكَ ضِعۡفَ ٱلۡحَيَوٰةِ وَضِعۡفَ ٱلۡمَمَاتِ ثُمَّ لَا تَجِدُ لَكَ عَلَيۡنَا نَصِيرٗا ﴿75﴾

Transliteration: Ithan laathaqnaka diAAfa alhayati wadiAAfa almamati thumma la tajidu laka AAalayna naseeran

Translation: Iyo uhirahira rero ugahengamira na gato ku ruhande rwabo, ni ukuri Twari guca Tuguha ibihano bigwijwe na kabiri mu buzima bwo kw’isi, n’ibihano bigwijwe na kabiri nyene igihe uri ku mpfiro[360], hanyuma ntiworonse umuntu n’umwe agutabara ngo agukureko ibihano vyacu.

17:76

وَإِن كَادُواْ لَيَسۡتَفِزُّونَكَ مِنَ ٱلۡأَرۡضِ لِيُخۡرِجُوكَ مِنۡهَاۖ وَإِذٗا لَّا يَلۡبَثُونَ خِلَٰفَكَ إِلَّا قَلِيلٗا ﴿76﴾

Transliteration: Wain kadoo layastafizzoonaka mina alardi liyukhrijooka minha waithan la yalbathoona khilafaka illa qaleelan

Translation: Abagarariji baranahatswe kukwomora mu gisagara ca Makka ku kuntu bakubangamira. Iyo bahirahira rero ngo bakwomore muri ico gisagara, na bo nyene ntibari kukigumamwo kiretse akanya gato gusa, Tugaca Tubahana;

17:77

سُنَّةَ مَن قَدۡ أَرۡسَلۡنَا قَبۡلَكَ مِن رُّسُلِنَاۖ وَلَا تَجِدُ لِسُنَّتِنَا تَحۡوِيلًا ﴿77﴾

Transliteration: Sunnata man qad arsalna qablaka min rusulina wala tajidu lisunnatina tahweelan

Translation: Ni uko vyamye rero ku bo Twarungikiye Intumwa zacu aho hambere yawe, ko abomoye Intumwa Twashoka Tubahana. Ntumwa y’Imana! Genda ugendereze, nta hantu na hamwe uzosanga Twarigeze kudohoka ku ngingo yo guhana abomoye Intumwa.

17:78

أَقِمِ ٱلصَّلَوٰةَ لِدُلُوكِ ٱلشَّمۡسِ إِلَىٰ غَسَقِ ٱلَّيۡلِ وَقُرۡءَانَ ٱلۡفَجۡرِۖ إِنَّ قُرۡءَانَ ٱلۡفَجۡرِ كَانَ مَشۡهُودٗا ﴿78﴾

Transliteration: Aqimi alssalata lidulooki alshshamsi ila ghasaqi allayli waqurana alfajri inna qurana alfajri kana mashhoodan

Translation: Tsimbataza rero amasengesho akwije ibisabwa guhera ku muhingamo gushika ku mugoroba buhwibiye; wongere utsimbataze isengesho ryo mu mutwenzi, uheze urisomemwo Qor’ani umwanya muremure, mu vy’ukuri isengesho ryo mu mutwenzi, ryitabirwa n’abamalayika b’ijoro hamwe n’abandi babakorera mu ngata ku murango;

17:79

وَمِنَ ٱلَّيۡلِ فَتَهَجَّدۡ بِهِۦ نَافِلَةٗ لَّكَ عَسَىٰٓ أَن يَبۡعَثَكَ رَبُّكَ مَقَامٗا مَّحۡمُودٗا ﴿79﴾

Transliteration: Wamina allayli fatahajjad bihi nafilatan laka AAasa an yabAAathaka rabbuka maqaman mahmoodan

Translation: Muvugishwamana! No mu gicugu, ba uvyuka usome Qor’ani umwanya muremure mw’isengesho; kugira iryo sengesho rikubere iry’inyongera rikudugiriza icubahiro, kumbure hari n’aho Imana yawe Rurema Allah Yokuzura ku musi w’izuka ufise igihagararo gishimwa n’ibiremwa, kuko uzobisabira gutezurirwa;

17:80

وَقُل رَّبِّ أَدۡخِلۡنِي مُدۡخَلَ صِدۡقٖ وَأَخۡرِجۡنِي مُخۡرَجَ صِدۡقٖ وَٱجۡعَل لِّي مِن لَّدُنكَ سُلۡطَٰنٗا نَّصِيرٗا ﴿80﴾

Transliteration: Waqul rabbi adkhilnee mudkhala sidqin waakhrijnee mukhraja sidqin waijAAal lee min ladunka sultanan naseeran

Translation: Uraheza uvuge uti: “Mana yanje Rurema Allah! Ngenera ubwinjiriro bw’ukuri bunshikana ku vyiza; Ungenere n’ubusohokero bw’ukuri bunkura mu bibi, Wongere Umpe n’icemezo kivuye iwawe, gituma Untabara Ukankurako umwansi wese”.

17:81

وَقُلۡ جَآءَ ٱلۡحَقُّ وَزَهَقَ ٱلۡبَٰطِلُۚ إِنَّ ٱلۡبَٰطِلَ كَانَ زَهُوقٗا ﴿81﴾

Transliteration: Waqul jaa alhaqqu wazahaqa albatilu inna albatila kana zahooqan

Translation: Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Ukuri kw’ubwislamu kwaraje, ikinyoma c’ibangikanyamana kiraheza gikubitirwa ahabona, mu vy’ukuri ikinyoma kimara umusi ntikimara umwaka, bitebe bitebuke gitegerezwa kuganzwa kigende amazimayongo”.

17:82

وَنُنَزِّلُ مِنَ ٱلۡقُرۡءَانِ مَا هُوَ شِفَآءٞ وَرَحۡمَةٞ لِّلۡمُؤۡمِنِينَ وَلَا يَزِيدُ ٱلظَّـٰلِمِينَ إِلَّا خَسَارٗا ﴿82﴾

Transliteration: Wanunazzilu mina alqurani ma huwa shifaon warahmatun lilmumineena wala yazeedu alththalimeena illa khasaran

Translation: Twebwe Allah Tumanura muri Qor’ani Aayah zivura indwara z’umutima ziterwa n'ivyaha, izivura n'indwara zisinzikaza umubiri, n’izindi zituma abemeramana bagirirwa impuhwe n’Imana Allah. Burya iyi Qor’ani, ntiyongerereza abirenganya mu bugarariji, kiretse ubuhuvyi n’agahombo.

17:83

وَإِذَآ أَنۡعَمۡنَا عَلَى ٱلۡإِنسَٰنِ أَعۡرَضَ وَنَـَٔا بِجَانِبِهِۦ وَإِذَا مَسَّهُ ٱلشَّرُّ كَانَ يَـُٔوسٗا ﴿83﴾

Transliteration: Waitha anAAamna AAala alinsani aAArada wanaa bijanibihi waitha massahu alshsharru kana yaoosan

Translation: Iyo Twebwe Allah Duhaye umuntu inema y’amatungo, ibibondo no kuroranirwa mu magara n’ibindi, araheza akagenza umugongo akirengagiza igamburukiramana. Iyo naho akozweko n’ikiza c’ubukene canke indwara n'ibindi, aca yihebura kuko atizeye Imana Allah.

17:84

قُلۡ كُلّٞ يَعۡمَلُ عَلَىٰ شَاكِلَتِهِۦ فَرَبُّكُمۡ أَعۡلَمُ بِمَنۡ هُوَ أَهۡدَىٰ سَبِيلٗا ﴿84﴾

Transliteration: Qul kullun yaAAmalu AAala shakilatihi farabbukum aAAlamu biman huwa ahda sabeelan

Translation: Ntumwa y’Imana! Bwira abantu uti: “Umwe wese muri mwebwe akora yisunze uko ari, burya Imana yanyu Rurema Allah, ni Yo Izi neza umugororotsi atumbereye ukuri”.

17:85

وَيَسۡـَٔلُونَكَ عَنِ ٱلرُّوحِۖ قُلِ ٱلرُّوحُ مِنۡ أَمۡرِ رَبِّي وَمَآ أُوتِيتُم مِّنَ ٱلۡعِلۡمِ إِلَّا قَلِيلٗا ﴿85﴾

Transliteration: Wayasaloonaka AAani alrroohi quli alrroohu min amri rabbee wama ooteetum mina alAAilmi illa qaleelan

Translation: Ntumwa y’Imana! Abagarariji barakubaza ku bijanye n’inkomoko y’ubuzima “Roho”! Bishure uti: “Ukuri ku bijanye n’inkomoko y’ubuzima “Roho”, kuzwi gusa n’Imana yanje Rurema Allah, kanatsinda mwebwe n’abantu bose, ntimwahawe mu bumenyi kiretse ubumenyi buke.

17:86

وَلَئِن شِئۡنَا لَنَذۡهَبَنَّ بِٱلَّذِيٓ أَوۡحَيۡنَآ إِلَيۡكَ ثُمَّ لَا تَجِدُ لَكَ بِهِۦ عَلَيۡنَا وَكِيلًا ﴿86﴾

Transliteration: Walain shina lanathhabanna biallathee awhayna ilayka thumma la tajidu laka bihi AAalayna wakeelan

Translation: Ntumwa y’Imana! Twebwe Allah Twoshaka guhanagura mu mushaha wawe Qor’ani Twakumanuriye, ni ukuri Twobishobora, hanyuma ntiworonse umuhagarikizi n’umwe atubuza kuyihanagura canke ngo ayikwigishe bushasha;

17:87

إِلَّا رَحۡمَةٗ مِّن رَّبِّكَۚ إِنَّ فَضۡلَهُۥ كَانَ عَلَيۡكَ كَبِيرٗا ﴿87﴾

Transliteration: Illa rahmatan min rabbika inna fadlahu kana AAalayka kabeeran

Translation: Ariko rero Imana yawe Rurema Allah Yarakugiriye impuhwe, maze Itsimbataza Qor’ani mu mushaha wawe. Mu vy’ukuri, impano zayo kuri wewe zamye ari nta ngere[361].

17:88

قُل لَّئِنِ ٱجۡتَمَعَتِ ٱلۡإِنسُ وَٱلۡجِنُّ عَلَىٰٓ أَن يَأۡتُواْ بِمِثۡلِ هَٰذَا ٱلۡقُرۡءَانِ لَا يَأۡتُونَ بِمِثۡلِهِۦ وَلَوۡ كَانَ بَعۡضُهُمۡ لِبَعۡضٖ ظَهِيرٗا ﴿88﴾

Transliteration: Qul laini ijtamaAAati alinsu waaljinnu AAala an yatoo bimithli hatha alqurani la yatoona bimithlihi walaw kana baAAduhum libaAAdin thaheeran

Translation: Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “N’aho abantu n’amajini bari kwiyunga, bakaja hamwe kugira bazane nk’iyi Qor’ani y’igitangaza, ntibari gupfa bazanye nkayo mu ndimburo no mw’itomora ry’ingingo n’amabwirizwa yayo. N’iyo bari kurarikana hagati yabo kugira bagerageze, nta vyo bari gushobora namba”.

17:89

وَلَقَدۡ صَرَّفۡنَا لِلنَّاسِ فِي هَٰذَا ٱلۡقُرۡءَانِ مِن كُلِّ مَثَلٖ فَأَبَىٰٓ أَكۡثَرُ ٱلنَّاسِ إِلَّا كُفُورٗا ﴿89﴾

Transliteration: Walaqad sarrafna lilnnasi fee hatha alqurani min kulli mathalin faaba aktharu alnnasi illa kufooran

Translation: Ni ukuri Twebwe Allah, Twaratomoreye abantu bikwiye muri Qor’ani, mu gutanga uburorero butandukanye bwotuma banyurwa bakikebuka, bagaheza bakubahiriza nya burorero mu kubugendera, ariko abenshi mu bantu bahisemwo kugarariza ukuri, baraheza barahakana bivuye inyuma ivyemezo vyerekana ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah.

17:90

وَقَالُواْ لَن نُّؤۡمِنَ لَكَ حَتَّىٰ تَفۡجُرَ لَنَا مِنَ ٱلۡأَرۡضِ يَنۢبُوعًا ﴿90﴾

Transliteration: Waqaloo lan numina laka hatta tafjura lana mina alardi yanbooAAan

Translation: Ababangikanyamana bamaze kuganzwa na Qor’ani, baciye basaba ko bohabwa ibitangaro nk’uko bavyipfuza, maze bavuga bati: “Muhama! Ntiturota tukwemera namba ngo dukore ivyo ushaka, utabanje kuducira iriba ry’amazi atemba ku gataka k’igisagara ca Makka;

17:91

أَوۡ تَكُونَ لَكَ جَنَّةٞ مِّن نَّخِيلٖ وَعِنَبٖ فَتُفَجِّرَ ٱلۡأَنۡهَٰرَ خِلَٰلَهَا تَفۡجِيرًا ﴿91﴾

Transliteration: Aw takoona laka jannatun min nakheelin waAAinabin fatufajjira alanhara khilalaha tafjeeran

Translation: Canke ugire umurima wiharije ugizwe n’ibiti vy’itende n’imizabibu, uheze uwucirire n'inzuzi zitemba mu migende yawo;

17:92

أَوۡ تُسۡقِطَ ٱلسَّمَآءَ كَمَا زَعَمۡتَ عَلَيۡنَا كِسَفًا أَوۡ تَأۡتِيَ بِٱللَّهِ وَٱلۡمَلَـٰٓئِكَةِ قَبِيلًا ﴿92﴾

Transliteration: Aw tusqita alssamaa kama zaAAamta AAalayna kisafan aw tatiya biAllahi waalmalaikati qabeelan

Translation: Canke ijuru ritugweko nk’uko watuburiye, canke utuzanire Imana Allah n’abamalayika bayo tubibonere ukuri kwamye;

17:93

أَوۡ يَكُونَ لَكَ بَيۡتٞ مِّن زُخۡرُفٍ أَوۡ تَرۡقَىٰ فِي ٱلسَّمَآءِ وَلَن نُّؤۡمِنَ لِرُقِيِّكَ حَتَّىٰ تُنَزِّلَ عَلَيۡنَا كِتَٰبٗا نَّقۡرَؤُهُۥۗ قُلۡ سُبۡحَانَ رَبِّي هَلۡ كُنتُ إِلَّا بَشَرٗا رَّسُولٗا ﴿93﴾

Transliteration: Aw yakoona laka baytun min zukhrufin aw tarqa fee alssamai walan numina liruqiyyika hatta tunazzila AAalayna kitaban naqraohu qul subhana rabbee hal kuntu illa basharan rasoolan

Translation: Canke wigirire inzu itatswe n’inzahabu, canke uduge mw’ijuru uciye ku ngazi, kandi ntituzokwemera ko waduzeyo utabanje kugaruka ufise igitabu kivuye ku Mana Allah, maze twisomere muri nya gitabu ko wewe uri Intumwa y’Imana Allah vy’ukuri”. Ntumwa y’Imana! Bwira abo bagarariji uti: “Nihaninahazwe Imana yanje Rurema Allah! Mbega jewe ndi igiki ku Mana Allah, cotuma ndayitegeka kubazanira ibitangaro mwipfuza! Nta co ndi, kiretse kuba ndi umuntu nkaba n’Intumwa, nshikiriza ubutumwa bwayo nk’uko Yabundungikanye”.

17:94

وَمَا مَنَعَ ٱلنَّاسَ أَن يُؤۡمِنُوٓاْ إِذۡ جَآءَهُمُ ٱلۡهُدَىٰٓ إِلَّآ أَن قَالُوٓاْ أَبَعَثَ ٱللَّهُ بَشَرٗا رَّسُولٗا ﴿94﴾

Transliteration: Wama manaAAa alnnasa an yuminoo ith jaahumu alhuda illa an qaloo abaAAatha Allahu basharan rasoolan

Translation: Nta cabujije rero abagarariji kwemera Imana n’Intumwa yayo igihe bashikirwa n’uburongozi buvuye ku Mana Allah, kiretse ijambo bavuze bahakana bati: “Ni gute Imana Allah Yorungika Intumwa ivuye mu bantu!”.

17:95

قُل لَّوۡ كَانَ فِي ٱلۡأَرۡضِ مَلَـٰٓئِكَةٞ يَمۡشُونَ مُطۡمَئِنِّينَ لَنَزَّلۡنَا عَلَيۡهِم مِّنَ ٱلسَّمَآءِ مَلَكٗا رَّسُولٗا ﴿95﴾

Transliteration: Qul law kana fee alardi malaikatun yamshoona mutmainneena lanazzalna AAalayhim mina alssamai malakan rasoolan

Translation: Ntumwa y’Imana! Gondoza ababangikanyamana, ubabwire uti: “Iyo kw’isi haza kuba abamalayika bagendagenda batekaniwe, ni ukuri Twebwe Allah, Twari kubarungikira Intumwa ivuye mu bamalayika nkabo[362]”.

17:96

قُلۡ كَفَىٰ بِٱللَّهِ شَهِيدَۢا بَيۡنِي وَبَيۡنَكُمۡۚ إِنَّهُۥ كَانَ بِعِبَادِهِۦ خَبِيرَۢا بَصِيرٗا ﴿96﴾

Transliteration: Qul kafa biAllahi shaheedan baynee wabaynakum innahu kana biAAibadihi khabeeran baseeran

Translation: Babwire kandi uti: “Imana Allah ubwayo Irakwiye kuba Icabona hagati yanje na mwe, ko ndi Intumwa vy’ukuri. Mu vy’ukuri, Imana Allah Yamye ari Muhetuziwavyose, Nyenukubona, Irazi neza ibikorwa n’abaja bayo, nta na kimwe Iyobewe”.

17:97

وَمَن يَهۡدِ ٱللَّهُ فَهُوَ ٱلۡمُهۡتَدِۖ وَمَن يُضۡلِلۡ فَلَن تَجِدَ لَهُمۡ أَوۡلِيَآءَ مِن دُونِهِۦۖ وَنَحۡشُرُهُمۡ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ عَلَىٰ وُجُوهِهِمۡ عُمۡيٗا وَبُكۡمٗا وَصُمّٗاۖ مَّأۡوَىٰهُمۡ جَهَنَّمُۖ كُلَّمَا خَبَتۡ زِدۡنَٰهُمۡ سَعِيرٗا ﴿97﴾

Transliteration: Waman yahdi Allahu fahuwa almuhtadi waman yudlil falan tajida lahum awliyaa min doonihi wanahshuruhum yawma alqiyamati AAala wujoohihim AAumyan wabukman wasumman mawahum jahannamu kullama khabat zidnahum saAAeeran

Translation: Uwushobojwe n'Imana Allah akarongoka mu kuri rero, uyo ni we mugororotsi vy’ukuri; nayo uwubaye intumva, maze Imana Allah Ikamureka agahuba inzira y’ukuri, uyo ari mu bantu utazokwigera uronkera n’umwe mu bahagarikizi hatarimwo Imana Allah, yobarongora ku kuri. Tuzoheza rero Twebwe Allah, Twegeranye abahuvye ku musi w’izuka bagenza amaso, batabona, batavuga, batumva. Ubushikiro bwabo, ni mu muriro wa Jahannamu; uko nya muriro ucureshe, ni ko Tuzowegenyeza ukarushirizaho kururumba.

17:98

ذَٰلِكَ جَزَآؤُهُم بِأَنَّهُمۡ كَفَرُواْ بِـَٔايَٰتِنَا وَقَالُوٓاْ أَءِذَا كُنَّا عِظَٰمٗا وَرُفَٰتًا أَءِنَّا لَمَبۡعُوثُونَ خَلۡقٗا جَدِيدًا ﴿98﴾

Transliteration: Thalika jazaohum biannahum kafaroo biayatina waqaloo aitha kunna AAithaman warufatan ainna lamabAAoothoona khalqan jadeedan

Translation: Ivyo bihano rero, ni yo ndishi y’ababangikanyamana, ku kuntu bagararije Aayah n'ivyemezo vyacu Twebwe Allah, bakanavuga bahakana bivuye inyuma izuka ry’ibiremwa, bati: “Mbega nitwapfa tugacika amagufa yabunzwe akabora, ni ivy'ukuri ko tuzozuka duheze dusubizwe kandi ubuzima ku musi w’izuka!”.

17:99

أَوَلَمۡ يَرَوۡاْ أَنَّ ٱللَّهَ ٱلَّذِي خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ قَادِرٌ عَلَىٰٓ أَن يَخۡلُقَ مِثۡلَهُمۡ وَجَعَلَ لَهُمۡ أَجَلٗا لَّا رَيۡبَ فِيهِ فَأَبَى ٱلظَّـٰلِمُونَ إِلَّا كُفُورٗا ﴿99﴾

Transliteration: Awalam yaraw anna Allaha allathee khalaqa alssamawati waalarda qadirun AAala an yakhluqa mithlahum wajaAAala lahum ajalan la rayba feehi faaba alththalimoona illa kufooran

Translation: Mbega ababangikanyamana ntibamenye ko Imana Allah Yaremye ata co Irinze gufatirako amajuru n’isi n’ibiremwa biri hagati yavyo, Ishoboye kurema nkavyo mu gihe vyohona! Yaranategekanirije ababangikanyamana isango ryo gupfa n’iryo guhanwa, nta nkeka ko iryo sango ritegerezwa gushika. Hamwe n’ivyo rero, abirenganije mu guhakana izuka ry’ibiremwa, bahisemwo kugarariza idini ry’Imana Allah.

17:100

قُل لَّوۡ أَنتُمۡ تَمۡلِكُونَ خَزَآئِنَ رَحۡمَةِ رَبِّيٓ إِذٗا لَّأَمۡسَكۡتُمۡ خَشۡيَةَ ٱلۡإِنفَاقِۚ وَكَانَ ٱلۡإِنسَٰنُ قَتُورٗا ﴿100﴾

Transliteration: Qul law antum tamlikoona khazaina rahmati rabbee ithan laamsaktum khashyata alinfaqi wakana alinsanu qatooran

Translation: Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Iyo muba mugaba ibigega vy’impano z’Imana yanje Rurema Allah, zitigera zihera, mwari kuba ingumyi ku gutinya ko muramutse mutanze mwohava mukena, burya zina kiremwa-muntu camye ari impfumbasi, kiretse uwagiriwe impuhwe n’Imana Allah”.

17:101

وَلَقَدۡ ءَاتَيۡنَا مُوسَىٰ تِسۡعَ ءَايَٰتِۭ بَيِّنَٰتٖۖ فَسۡـَٔلۡ بَنِيٓ إِسۡرَـٰٓءِيلَ إِذۡ جَآءَهُمۡ فَقَالَ لَهُۥ فِرۡعَوۡنُ إِنِّي لَأَظُنُّكَ يَٰمُوسَىٰ مَسۡحُورٗا ﴿101﴾

Transliteration: Walaqad atayna moosa tisAAa ayatin bayyinatin faisal banee israeela ith jaahum faqala lahu firAAawnu innee laathunnuka ya moosa mashooran

Translation: Ni ukuri Twebwe Allah, Twarahaye Musa ibitangaro icenda bigaragara, vyemeza ukuri kw’ubutumwa bwiwe[363]. Ntumwa y’Imana! Urabaza Bene Israyeli ingene vyagenze igihe Musa yabazanira nya bitangaro bigaragara, maze Firawuni akamubwira ati: “Jewe mu vy’ukuri, nibaza ko wewe Musa warozwe, ugakeherwa n’ubwenge!”.

17:102

قَالَ لَقَدۡ عَلِمۡتَ مَآ أَنزَلَ هَـٰٓؤُلَآءِ إِلَّا رَبُّ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ بَصَآئِرَ وَإِنِّي لَأَظُنُّكَ يَٰفِرۡعَوۡنُ مَثۡبُورٗا ﴿102﴾

Transliteration: Qala laqad AAalimta ma anzala haolai illa rabbu alssamawati waalardi basaira wainnee laathunnuka ya firAAawnu mathbooran

Translation: Musa yishuye Firawuni ati: “Ni ukuri, urazi neza ko ata wundi yamanuye ibi bitangaro icenda bigaragara atari Imana Allah, Rurema w’amajuru n’isi; Yamanuye nya bitangaro, kugira bibe ivyemezo vyotuma abanyabwenge bemera ko Imana Allah ari Yo Yaremye; n'uko ari Yo Ikwiye no gusengwa ari Imwe Rudende. Kandi rero nanje mu vy’ukuri, ndizeye ata gukekeranya ko wewe Firawuni wavumwe, utegerezwa guhona”.

17:103

فَأَرَادَ أَن يَسۡتَفِزَّهُم مِّنَ ٱلۡأَرۡضِ فَأَغۡرَقۡنَٰهُ وَمَن مَّعَهُۥ جَمِيعٗا ﴿103﴾

Transliteration: Faarada an yastafizzahum mina alardi faaghraqnahu waman maAAahu jameeAAan

Translation: Ni ho rero Firawuni yatwarwa n’agashavu, aca ashaka kurondera gutera ubwoba Musa hamwe na Bene Israyeli, ko yobomora mu gihugu ca Misiri, maze Twebwe Allah Duca Turamusomesha nturi mw’ibahari, we hamwe n’ingabo ziwe zose.

17:104

وَقُلۡنَا مِنۢ بَعۡدِهِۦ لِبَنِيٓ إِسۡرَـٰٓءِيلَ ٱسۡكُنُواْ ٱلۡأَرۡضَ فَإِذَا جَآءَ وَعۡدُ ٱلۡأٓخِرَةِ جِئۡنَا بِكُمۡ لَفِيفٗا ﴿104﴾

Transliteration: Waqulna min baAAdihi libanee israeela oskunoo alarda faitha jaa waAAdu alakhirati jina bikum lafeefan

Translation: Maze Duca Tubwira Bene Israyeli mu nyuma y’ihonywa rya Firawuni n’ingabo ziwe, Duti: “Nimucumbike rero ku gataka ka Shaamu, nihagera ko umuhero w’isi ushika, Tuzoheza Tubazure mwese, muheze muharurirwe”.

17:105

وَبِٱلۡحَقِّ أَنزَلۡنَٰهُ وَبِٱلۡحَقِّ نَزَلَۗ وَمَآ أَرۡسَلۡنَٰكَ إِلَّا مُبَشِّرٗا وَنَذِيرٗا ﴿105﴾

Transliteration: Wabialhaqqi anzalnahu wabialhaqqi nazala wama arsalnaka illa mubashshiran wanatheeran

Translation: Twebwe Allah, Twamanuriye Qor’ani vy’ukuri Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), kugira irarikire abantu kugamburukira Imana Allah, kandi Qor’ani yamanutse mu kuri ikingiwe, nta kizokwongerwamwo canke ngo gikurwemwo n’abantu. Ntumwa y’Imana! Ntitwanagutumye rero, kiretse ngo ube Intumwa ishikiriza inkuru nziza ihumuriza abemeramana ko bazohabwa Ubwami bw’ijuru, ikanagabisha ibigaba ku bihano vy’Imana Allah.

17:106

وَقُرۡءَانٗا فَرَقۡنَٰهُ لِتَقۡرَأَهُۥ عَلَى ٱلنَّاسِ عَلَىٰ مُكۡثٖ وَنَزَّلۡنَٰهُ تَنزِيلٗا ﴿106﴾

Transliteration: Waquranan faraqnahu litaqraahu AAala alnnasi AAala mukthin wanazzalnahu tanzeelan

Translation: Ntumwa y’Imana! Twebwe Allah, Twakumanuriye Qor’ani itomoye, itandukanya uburongozi n’ubuhuvyi, ukuri n’ikinyoma, kugira uyisomere abantu mu bwitonzi nta ngere; Twanayihishuye bukebuke Dufatiye ku vyagiye birashikira abantu no ku kuntu babayeho.

17:107

قُلۡ ءَامِنُواْ بِهِۦٓ أَوۡ لَا تُؤۡمِنُوٓاْۚ إِنَّ ٱلَّذِينَ أُوتُواْ ٱلۡعِلۡمَ مِن قَبۡلِهِۦٓ إِذَا يُتۡلَىٰ عَلَيۡهِمۡ يَخِرُّونَۤ لِلۡأَذۡقَانِۤ سُجَّدٗاۤ ﴿107﴾

Transliteration: Qul aminoo bihi aw la tuminoo inna allatheena ootoo alAAilma min qablihi itha yutla AAalayhim yakhirroona lilathqani sujjadan

Translation: Ntumwa y’Imana! Bwira abahakanyi uti: “Mwemera Qor’ani mutayemera, ukuyemera kwanyu nta co kuyongerereza, eka no kuyihakana kwanyu nta co kuyitwara”. Mu vy’ukuri, abamenyi batahuye ukuri kw’ihishurwa rya Qor’ani mu bahawe Ibitabu vyo hambere yayo, iyo basomewe Qor’ani, bashoka bubamika uruhanga hasi mu kwubaha Imana Allah;

17:108

وَيَقُولُونَ سُبۡحَٰنَ رَبِّنَآ إِن كَانَ وَعۡدُ رَبِّنَا لَمَفۡعُولٗا ﴿108﴾

Transliteration: Wayaqooloona subhana rabbina in kana waAAdu rabbina lamafAAoolan

Translation: Maze bagaca bavuga bati: “Nihaninahazwe Imana yacu Rurema Allah mu buryo burengeye cane ivyo bayitiranya bakayibangikanya, nta nkeka ko Isezerano ry’Imana yacu Rurema Allah ryo guhemba abemeramana n’iryo guhana abagarariji, ari iry’ukuri, ritegerezwa gushika”;

17:109

وَيَخِرُّونَ لِلۡأَذۡقَانِ يَبۡكُونَ وَيَزِيدُهُمۡ خُشُوعٗا۩ ﴿109﴾

Transliteration: Wayakhirroona lilathqani yabkoona wayazeeduhum khushooAAan

Translation: Bubamika uruhanga hasi rero bakorora amosozi ku kunyurwa n’inyigisho za Qor’ani, gutyo bakarushirizaho kwicisha bugufi ku Mana Allah.

17:110

قُلِ ٱدۡعُواْ ٱللَّهَ أَوِ ٱدۡعُواْ ٱلرَّحۡمَٰنَۖ أَيّٗا مَّا تَدۡعُواْ فَلَهُ ٱلۡأَسۡمَآءُ ٱلۡحُسۡنَىٰۚ وَلَا تَجۡهَرۡ بِصَلَاتِكَ وَلَا تُخَافِتۡ بِهَا وَٱبۡتَغِ بَيۡنَ ذَٰلِكَ سَبِيلٗا ﴿110﴾

Transliteration: Quli odAAoo Allaha awi odAAoo alrrahmana ayyan ma tadAAoo falahu alasmao alhusna wala tajhar bisalatika wala tukhafit biha waibtaghi bayna thalika sabeelan

Translation: Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana[364] uti: “Nimusabe muvuga muti: “Ewe Mana Allah!” canke muvuga muti: “Ewe Nyenimpuhwe!”, izina iryo ari ryo ryose mu mazina yayo mwosabisha, muzoba muriko musaba Imana Imwe Rudende, kuko Imana Allah amazina yayo yose Ifise, ni meza cane”. Ntumwa y’Imana! Mu gihe uriko urasenga, ntugasome Qor’ani mw’ijwi rinini cane ngo ababangikanyamana bakwumve, eka ntukanayisome wongorera gushika n’aho abo usengesha batakwumva, uraheza rero usome nya Qor’ani mw’ijwi rigereranye.

17:111

وَقُلِ ٱلۡحَمۡدُ لِلَّهِ ٱلَّذِي لَمۡ يَتَّخِذۡ وَلَدٗا وَلَمۡ يَكُن لَّهُۥ شَرِيكٞ فِي ٱلۡمُلۡكِ وَلَمۡ يَكُن لَّهُۥ وَلِيّٞ مِّنَ ٱلذُّلِّۖ وَكَبِّرۡهُ تَكۡبِيرَۢا ﴿111﴾

Transliteration: Waquli alhamdu lillahi allathee lam yattakhith waladan walam yakun lahu shareekun fee almulki walam yakun lahu waliyyun mina alththulli wakabbirhu takbeeran

Translation: Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Nihashimagizwe Imana Allah Itigeze Yigenera umwana, Itigeze Inagira na kimwe kibangikanijwe na Yo mu bumana bwayo, eka ntiyigeze Inagira umuhagarikizi mu biremwa kuko Yikwije kandi Yikenuye”; uraheza rero kandi uyikuze mu kuyisenga utayibangikanya, no mu kuyitumbera muri vyose, kuko ari Yo Nkuru Irengeye vyose”.

Transliteration source: English Transliteration by Tanzil. Used under Tanzil's non-commercial terms; see the source and latest updates at Tanzil. Tanzil translation download