quranm◉

Surah Maryam transliteration

◉ Sura · ∞

19:1

كٓهيعٓصٓ ﴿1﴾

Transliteration: KafhayaAAaynsad

Translation: Kaaf Haa Yaa ’Aiin Swaad[376].

19:2

ذِكۡرُ رَحۡمَتِ رَبِّكَ عَبۡدَهُۥ زَكَرِيَّآ ﴿2﴾

Transliteration: Thikru rahmati rabbika AAabdahu zakariyya

Translation: Tugira Tugucire ku mayange ku bijanye n’impuhwe z’Imana yawe Rurema Allah ku Muja wayo Zakariya[377];

19:3

إِذۡ نَادَىٰ رَبَّهُۥ نِدَآءً خَفِيّٗا ﴿3﴾

Transliteration: Ith nada rabbahu nidaan khafiyyan

Translation: Igihe yatakambira Imana yiwe Rurema Allah, akayisaba mw’ibanga nta ngere aho yari yiherereye kugira Imwumvire;

19:4

قَالَ رَبِّ إِنِّي وَهَنَ ٱلۡعَظۡمُ مِنِّي وَٱشۡتَعَلَ ٱلرَّأۡسُ شَيۡبٗا وَلَمۡ أَكُنۢ بِدُعَآئِكَ رَبِّ شَقِيّٗا ﴿4﴾

Transliteration: Qala rabbi innee wahana alAAathmu minnee waishtaAAala alrrasu shayban walam akun biduAAaika rabbi shaqiyyan

Translation: Agaheza akavuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri ngeze mu zabukuru, amagufa y’umubiri yaramaze guturagara, n’umutwe wose ntiworaba n’imvi zigendera, kandi sinigeze ndeka kwemererwa igisabo ndagusavye Mana yanje Rurema Allah;

19:5

وَإِنِّي خِفۡتُ ٱلۡمَوَٰلِيَ مِن وَرَآءِي وَكَانَتِ ٱمۡرَأَتِي عَاقِرٗا فَهَبۡ لِي مِن لَّدُنكَ وَلِيّٗا ﴿5﴾

Transliteration: Wainnee khiftu almawaliya min waraee wakanati imraatee AAaqiran fahab lee min ladunka waliyyan

Translation: Mu vy’ukuri, ndafise impungenge ko abo nzoraga inyuma y’urupfu rwanje, batazoshobora guhagararira bikwiye idini ryawe mu kurarikira abantu kuryemera, bitayeko n’umukenyezi wanje na we akaba ari ingumba, ndagusavye rero ko Wondonsa umwana w’umuhungu yombera samuragwa akambera n’umufasha;

19:6

يَرِثُنِي وَيَرِثُ مِنۡ ءَالِ يَعۡقُوبَۖ وَٱجۡعَلۡهُ رَبِّ رَضِيّٗا ﴿6﴾

Transliteration: Yarithunee wayarithu min ali yaAAqooba waijAAalhu rabbi radiyyan

Translation: Akazotorana ubutumwa bwanje n’ubutumwa bwa Bene Yakubu; kandi ndagusavye Mana yanje Rurema Allah, Uzomugire umwana Ushimishwa n’ivyo akora, agashimwa n’abantu”.

19:7

يَٰزَكَرِيَّآ إِنَّا نُبَشِّرُكَ بِغُلَٰمٍ ٱسۡمُهُۥ يَحۡيَىٰ لَمۡ نَجۡعَل لَّهُۥ مِن قَبۡلُ سَمِيّٗا ﴿7﴾

Transliteration: Ya zakariyya inna nubashshiruka bighulamin ismuhu yahya lam najAAal lahu min qablu samiyyan

Translation: Ni ho rero Imana Allah Yahamagara Iti: “Ewe Zakariya! Twebwe Allah, ni ukuri Twakwumviye igisabisho cawe, Turaguhaye inkuru nziza y’ihumure ko uzokwibaruka umwana w’umuhungu yitwa Yahya, iryo zina ntitwigeze Turyita umuntu n’umwe aho hambere ngo abe mazina yiwe”.

19:8

قَالَ رَبِّ أَنَّىٰ يَكُونُ لِي غُلَٰمٞ وَكَانَتِ ٱمۡرَأَتِي عَاقِرٗا وَقَدۡ بَلَغۡتُ مِنَ ٱلۡكِبَرِ عِتِيّٗا ﴿8﴾

Transliteration: Qala rabbi anna yakoonu lee ghulamun wakanati imraatee AAaqiran waqad balaghtu mina alkibari AAitiyyan

Translation: Zakariya araheza aritangaza ati: “Mana yanje Rurema Allah! Vyoshoboka gute ko nibaruka umwana w’umuhungu, kandi n’umukenyezi wanje ari ingumba, bitayeko nkaba nanje naramaze gusaza!”.

19:9

قَالَ كَذَٰلِكَ قَالَ رَبُّكَ هُوَ عَلَيَّ هَيِّنٞ وَقَدۡ خَلَقۡتُكَ مِن قَبۡلُ وَلَمۡ تَكُ شَيۡـٔٗا ﴿9﴾

Transliteration: Qala kathalika qala rabbuka huwa AAalayya hayyinun waqad khalaqtuka min qablu walam taku shayan

Translation: Umumalayika yishuye Zakariya ati: “N’aho biri nk’ukwo ubivuze, Imana yawe Rurema Allah Yavuze Iti: “Irema rya Yahya riroroshe cane kuri Jewe. Ni ukuri, Naranakuremye wewe imbere y’irema rya Yahya kandi utari bwabeho””.

19:10

قَالَ رَبِّ ٱجۡعَل لِّيٓ ءَايَةٗۖ قَالَ ءَايَتُكَ أَلَّا تُكَلِّمَ ٱلنَّاسَ ثَلَٰثَ لَيَالٖ سَوِيّٗا ﴿10﴾

Transliteration: Qala rabbi ijAAal lee ayatan qala ayatuka alla tukallima alnnasa thalatha layalin sawiyyan

Translation: Zakariya yashotse avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ngirira rero ikimenyetso nzomenyerako ko umukenyezi wanje yamaze gusama!”. Imana Allah Yamubwiye Iti: “Ikimenyetso Ndakugiriye, ni uko utazoshobora kuvugana n’abantu mu kiringo c’amajoro atatu n’imirango yayo, bidaturutse ku ndwara”.

19:11

فَخَرَجَ عَلَىٰ قَوۡمِهِۦ مِنَ ٱلۡمِحۡرَابِ فَأَوۡحَىٰٓ إِلَيۡهِمۡ أَن سَبِّحُواْ بُكۡرَةٗ وَعَشِيّٗا ﴿11﴾

Transliteration: Fakharaja AAala qawmihi mina almihrabi faawha ilayhim an sabbihoo bukratan waAAashiyyan

Translation: Ni ho rero Zakariya yava aho yari yiherereye, araheza aja aho abantu bamubona aca abereka n’ukuboko ati: “Nimuninahaze mwongere mutazire Imana Allah igitondo n’umugoroba, mu ntumbero yo kuyishimira”.

19:12

يَٰيَحۡيَىٰ خُذِ ٱلۡكِتَٰبَ بِقُوَّةٖۖ وَءَاتَيۡنَٰهُ ٱلۡحُكۡمَ صَبِيّٗا ﴿12﴾

Transliteration: Ya yahya khuthi alkitaba biquwwatin waataynahu alhukma sabiyyan

Translation: Yahya amaze kuvuka akagera mu bigero, Imana Allah yamutegetse Iti: “Ewe Yahya! Fata nkama Igitabu ca Tawurati, ugitahure wongere ukigendere”. Twebwe Allah, Twaranamuhaye kuva akiri umwana muto, uburyo bwiza bwo gutahura ingingo no kuzishira mu ngiro;

19:13

وَحَنَانٗا مِّن لَّدُنَّا وَزَكَوٰةٗۖ وَكَانَ تَقِيّٗا ﴿13﴾

Transliteration: Wahananan min ladunna wazakatan wakana taqiyyan

Translation: Tumuha kugira impuhwe, igikundiro n’umutima wejejwe, kandi yari umugororotsi agamburukira Imana Allah;

19:14

وَبَرَّۢا بِوَٰلِدَيۡهِ وَلَمۡ يَكُن جَبَّارًا عَصِيّٗا ﴿14﴾

Transliteration: Wabarran biwalidayhi walam yakun jabbaran AAasiyyan

Translation: Yarubaha akubahiriza abavyeyi biwe, ntiyari n’umuntu w’akanyaro, w’intumva.

19:15

وَسَلَٰمٌ عَلَيۡهِ يَوۡمَ وُلِدَ وَيَوۡمَ يَمُوتُ وَيَوۡمَ يُبۡعَثُ حَيّٗا ﴿15﴾

Transliteration: Wasalamun AAalayhi yawma wulida wayawma yamootu wayawma yubAAathu hayyan

Translation: Yahya rero arakagira amahoro y’Imana Allah ku musi avuka, no ku musi yapfuye, no ku musi yazutse agasubizwa ubuzima!

19:16

وَٱذۡكُرۡ فِي ٱلۡكِتَٰبِ مَرۡيَمَ إِذِ ٱنتَبَذَتۡ مِنۡ أَهۡلِهَا مَكَانٗا شَرۡقِيّٗا ﴿16﴾

Transliteration: Waothkur fee alkitabi maryama ithi intabathat min ahliha makanan sharqiyyan

Translation: Ntumwa y’Imana! Iganira kandi abantu inkuru ya Mariyamu iri muri Qor’ani, igihe yaja kure y’umuryango wiwe, amaja mu buseruko bw’aho bari;

19:17

فَٱتَّخَذَتۡ مِن دُونِهِمۡ حِجَابٗا فَأَرۡسَلۡنَآ إِلَيۡهَا رُوحَنَا فَتَمَثَّلَ لَهَا بَشَرٗا سَوِيّٗا ﴿17﴾

Transliteration: Faittakhathat min doonihim hijaban faarsalna ilayha roohana fatamaththala laha basharan sawiyyan

Translation: Araheza ariherera ahantu ata n’umwe amubona, Turaheza Twebwe Allah, Tumurungikira umumalayika Jibrili, maze amwiyereka yihinduye mw’ishusho ry’umuntu bwite;

19:18

قَالَتۡ إِنِّيٓ أَعُوذُ بِٱلرَّحۡمَٰنِ مِنكَ إِن كُنتَ تَقِيّٗا ﴿18﴾

Transliteration: Qalat innee aAAoothu bialrrahmani minka in kunta taqiyyan

Translation: Ni ho Mariyamu yaca avuga amwiyama ati: “Mu vy’ukuri, jewe ndikinze kuri Nyenimpuhwe Allah, Ikunkingire ko wongeramira niwaba uri umugororotsi ugamburukira Imana Allah”.

19:19

قَالَ إِنَّمَآ أَنَا۠ رَسُولُ رَبِّكِ لِأَهَبَ لَكِ غُلَٰمٗا زَكِيّٗا ﴿19﴾

Transliteration: Qala innama ana rasoolu rabbiki liahaba laki ghulaman zakiyyan

Translation: Umumalayika Jibrili ni ho yimenyekanisha akavuga ati: “Jewe mu vy’ukuri, ndi intumwa warungikiwe n’Imana yawe Rurema Allah, kugira ndaguhe umwana yejejwe umutima”.

19:20

قَالَتۡ أَنَّىٰ يَكُونُ لِي غُلَٰمٞ وَلَمۡ يَمۡسَسۡنِي بَشَرٞ وَلَمۡ أَكُ بَغِيّٗا ﴿20﴾

Transliteration: Qalat anna yakoonu lee ghulamun walam yamsasnee basharun walam aku baghiyyan

Translation: Mariyamu araheza aritangaza abwira Jibrili ati: “Vyoshoboka gute ko nogira umwana mu gihe ata muntu n’umwe arankorako mu gushingirwa, kandi ntigeze mba n’umushurashuzi!”.

19:21

قَالَ كَذَٰلِكِ قَالَ رَبُّكِ هُوَ عَلَيَّ هَيِّنٞۖ وَلِنَجۡعَلَهُۥٓ ءَايَةٗ لِّلنَّاسِ وَرَحۡمَةٗ مِّنَّاۚ وَكَانَ أَمۡرٗا مَّقۡضِيّٗا ﴿21﴾

Transliteration: Qala kathaliki qala rabbuki huwa AAalayya hayyinun walinajAAalahu ayatan lilnnasi warahmatan minna wakana amran maqdiyyan

Translation: Jibrili amwishura ati: “N’aho biri nk’ukwo ubivuze, Imana yawe Rurema Allah Yavuze Iti: “Ukuguha umwana, kiroroshe cane kuri Jewe; kugira nya mwana Tuzonamugire ikimenyetso ku bantu cerekana ubushobozi n'ububasha vyanje Jewe Allah, yongere ahundagazweko impuhwe zacu, abere n’impuhwe abantu”. Iryo vuka rya Isa mwene Mariyamu rero, ryaramaze kwandikwa mu vyagezwe, ritegerezwa kuba nta gisivya”.

19:22

فَحَمَلَتۡهُ فَٱنتَبَذَتۡ بِهِۦ مَكَانٗا قَصِيّٗا ﴿22﴾

Transliteration: Fahamalathu faintabathat bihi makanan qasiyyan

Translation: Ni ho rero Jibrili yahuha mw’izosi ry’impuzu Mariyamu yari yambaye, maze Mariyamu aca arasama imbanyi, ashoka aja kure y’abantu.

19:23

فَأَجَآءَهَا ٱلۡمَخَاضُ إِلَىٰ جِذۡعِ ٱلنَّخۡلَةِ قَالَتۡ يَٰلَيۡتَنِي مِتُّ قَبۡلَ هَٰذَا وَكُنتُ نَسۡيٗا مَّنسِيّٗا ﴿23﴾

Transliteration: Faajaaha almakhadu ila jithAAi alnnakhlati qalat ya laytanee mittu qabla hatha wakuntu nasyan mansiyyan

Translation: Hageze kwibaruka, igise ca ya mbanyi gituma aja kure y’abantu, ahari igiti c’itende, aca avuga n’umubabaro n’akantu ati: “Ewe jewewanje! Ubona iyo mpfuma mpfa imbere y’uno musi, nkaba ikintu cibagiwe kikibagiranwa!”.

19:24

فَنَادَىٰهَا مِن تَحۡتِهَآ أَلَّا تَحۡزَنِي قَدۡ جَعَلَ رَبُّكِ تَحۡتَكِ سَرِيّٗا ﴿24﴾

Transliteration: Fanadaha min tahtiha alla tahzanee qad jaAAala rabbuki tahtaki sariyyan

Translation: Jibrili yari hepfo y’aho Mariyamu ari, aca aramuhamagara ati: “Ntiwicwe n’intuntu namba, Imana yawe Rurema Allah Yamaze kugucira umugende w’amazi hambavu yawe;

19:25

وَهُزِّيٓ إِلَيۡكِ بِجِذۡعِ ٱلنَّخۡلَةِ تُسَٰقِطۡ عَلَيۡكِ رُطَبٗا جَنِيّٗا ﴿25﴾

Transliteration: Wahuzzee ilayki bijithAAi alnnakhlati tusaqit AAalayki rutaban janiyyan

Translation: Nyiganza rero ico gishitsi c’itende, giheze kigukororere itende zihiye zoroshe;

19:26

فَكُلِي وَٱشۡرَبِي وَقَرِّي عَيۡنٗاۖ فَإِمَّا تَرَيِنَّ مِنَ ٱلۡبَشَرِ أَحَدٗا فَقُولِيٓ إِنِّي نَذَرۡتُ لِلرَّحۡمَٰنِ صَوۡمٗا فَلَنۡ أُكَلِّمَ ٱلۡيَوۡمَ إِنسِيّٗا ﴿26﴾

Transliteration: Fakulee waishrabee waqarree AAaynan faimma tarayinna mina albashari ahadan faqoolee innee nathartu lilrrahmani sawman falan okallima alyawma insiyyan

Translation: Uheze urye kuri nya tende, unywe no ku mazi y’uwo mugende, maze utekane ku mutima n’ikibondo cawe. Nihagira uwo ubona mu bantu, akakubaza ku vyagushikiye, uraheza umwishure uti: “Jewe mu vy’ukuri, niyemeje kuri Nyenimpuhwe Allah kwinumira[378]; kubera ivyo rero, kuri uno musi simvugisha umuntu n’umwe””.

19:27

فَأَتَتۡ بِهِۦ قَوۡمَهَا تَحۡمِلُهُۥۖ قَالُواْ يَٰمَرۡيَمُ لَقَدۡ جِئۡتِ شَيۡـٔٗا فَرِيّٗا ﴿27﴾

Transliteration: Faatat bihi qawmaha tahmiluhu qaloo ya maryamu laqad jiti shayan fariyyan

Translation: Ni ho Mariyamu yagaruka ku bantu biwe ateruye umwana. Bagize ngo baramubonye, bihaye akamo bamubwira bati: “Ewe Mariyamu! Ni ukuri, wadukanye ikintu c’irementanya ritabaho!;

19:28

يَـٰٓأُخۡتَ هَٰرُونَ مَا كَانَ أَبُوكِ ٱمۡرَأَ سَوۡءٖ وَمَا كَانَتۡ أُمُّكِ بَغِيّٗا ﴿28﴾

Transliteration: Ya okhta haroona ma kana abooki imraa sawin wama kanat ommuki baghiyyan

Translation: Ewe mushiki w’umweranda Haruna, so wawe ntiyigeze aba umuntu w’ingeso mbi zo gushurashura, eka na nyoko nyene ntiyigeze aba umushurashuzi”.

19:29

فَأَشَارَتۡ إِلَيۡهِۖ قَالُواْ كَيۡفَ نُكَلِّمُ مَن كَانَ فِي ٱلۡمَهۡدِ صَبِيّٗا ﴿29﴾

Transliteration: Faasharat ilayhi qaloo kayfa nukallimu man kana fee almahdi sabiyyan

Translation: Mariyamu yaberetse n’ukuboko ati: “Nimubaze uyu mwana nteruye!”. Na bo baca bamwishura bamwiyamiriza bati: “Vyoshoboka gute ko tuvugana n’umwana muto akiri ku bibero aconka!”.

19:30

قَالَ إِنِّي عَبۡدُ ٱللَّهِ ءَاتَىٰنِيَ ٱلۡكِتَٰبَ وَجَعَلَنِي نَبِيّٗا ﴿30﴾

Transliteration: Qala innee AAabdu Allahi ataniya alkitaba wajaAAalanee nabiyyan

Translation: Ni ho rero Isa yabishura aconka, ati: “Mu vy’ukuri, jewe ndi Umuja w’Imana Allah, Imana Allah Yageze kumpa Igitabu c’Injili, Ingira n’Intumwa;

19:31

وَجَعَلَنِي مُبَارَكًا أَيۡنَ مَا كُنتُ وَأَوۡصَٰنِي بِٱلصَّلَوٰةِ وَٱلزَّكَوٰةِ مَا دُمۡتُ حَيّٗا ﴿31﴾

Transliteration: WajaAAalanee mubarakan ayna ma kuntu waawsanee bialssalati waalzzakati ma dumtu hayyan

Translation: Yampaye n’imihezagiro aho nzoba ndi hose, Yongera Indaga gutsimbataza isengesho no gutanga ishikanwa-bwirizwa mu gihe cose nzoba nkiri muzima;

19:32

وَبَرَّۢا بِوَٰلِدَتِي وَلَمۡ يَجۡعَلۡنِي جَبَّارٗا شَقِيّٗا ﴿32﴾

Transliteration: Wabarran biwalidatee walam yajAAalnee jabbaran shaqiyyan

Translation: Ingira umwana yubaha akubahiriza umuvyeyi wiwe, ntiyangize umuntu w’akanyaro, w’intumva;

19:33

وَٱلسَّلَٰمُ عَلَيَّ يَوۡمَ وُلِدتُّ وَيَوۡمَ أَمُوتُ وَيَوۡمَ أُبۡعَثُ حَيّٗا ﴿33﴾

Transliteration: Waalssalamu AAalayya yawma wulidtu wayawma amootu wayawma obAAathu hayyan

Translation: Ndakagira rero amahoro y’Imana Allah ku musi mvuka, ku musi napfuye no ku musi nazutse ngasubizwa ubuzima”.

19:34

ذَٰلِكَ عِيسَى ٱبۡنُ مَرۡيَمَۖ قَوۡلَ ٱلۡحَقِّ ٱلَّذِي فِيهِ يَمۡتَرُونَ ﴿34﴾

Transliteration: Thalika AAeesa ibnu maryama qawla alhaqqi allathee feehi yamtaroona

Translation: Ntumwa y’Imana! Iyo nkuru rero Tukwiganiye ku vyerekeye Isa mwene Mariyamu, ni ryo jambo ry’ukuri abayahudi n’abanaswara bahazanako.

19:35

مَا كَانَ لِلَّهِ أَن يَتَّخِذَ مِن وَلَدٖۖ سُبۡحَٰنَهُۥٓۚ إِذَا قَضَىٰٓ أَمۡرٗا فَإِنَّمَا يَقُولُ لَهُۥ كُن فَيَكُونُ ﴿35﴾

Transliteration: Ma kana lillahi an yattakhitha min waladin subhanahu itha qada amran fainnama yaqoolu lahu kun fayakoonu

Translation: Nta ho vyigeze biba ko Imana Allah Yigenera umwana mu biremwa vyayo, nihaninahazwe Imana Allah, Yongere Ihabwe n’icubahiro nta ngere mu buryo burengeye cane ivyo ababangikanyamana bavuga. Iyo Imana Allah Ishatse gushira mu ngiro ikintu ico ari co cose mu vyagezwe, ni ukuri Ikibwira gusa Iti: “Ba”, kigaca kiba ubwo nyene.

19:36

وَإِنَّ ٱللَّهَ رَبِّي وَرَبُّكُمۡ فَٱعۡبُدُوهُۚ هَٰذَا صِرَٰطٞ مُّسۡتَقِيمٞ ﴿36﴾

Transliteration: Wainna Allaha rabbee warabbukum faoAAbudoohu hatha siratun mustaqeemun

Translation: Isa mwene Mariyamu yabwiye abantu yarungitsweko ati: “Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Mana yanje Rurema, Ikaba n’Imana yanyu Rurema. Kubera ivyo rero, nimuyiyegereze mu vyo mukora vyose munayisenge ari Imwe Rudende mutayibangikanya, iyi ni yo nzira igororotse”.

19:37

فَٱخۡتَلَفَ ٱلۡأَحۡزَابُ مِنۢ بَيۡنِهِمۡۖ فَوَيۡلٞ لِّلَّذِينَ كَفَرُواْ مِن مَّشۡهَدِ يَوۡمٍ عَظِيمٍ ﴿37﴾

Transliteration: Faikhtalafa alahzabu min baynihim fawaylun lillatheena kafaroo min mashhadi yawmin AAatheemin

Translation: Abahawe Igitabu bariciyemwo imigwi ku kubera ihazana ku vyerekeye Isa mwene Mariyamu (nyakugira amahoro y’Imana Allah). Abanaswara barahayagije Isa mwene Mariyamu bararenza, muri bo harimwo abamwise imana, hari n’abamwise umwana w’imana, harimwo n’abamushize mu butatu butagatifu. Nayo abayahudi bo baramwirengagije, bamwita ko ari umurozi, harimwo n’abamwise umwana wa Yusufu umubaji. Uguhona nya guhona rero, ni ukw’abagararije bagahakana bivuye inyuma umusi w’umuhero w’isi, n'izuka ry'ibiremwa.

19:38

أَسۡمِعۡ بِهِمۡ وَأَبۡصِرۡ يَوۡمَ يَأۡتُونَنَا لَٰكِنِ ٱلظَّـٰلِمُونَ ٱلۡيَوۡمَ فِي ضَلَٰلٖ مُّبِينٖ ﴿38﴾

Transliteration: AsmiAA bihim waabsir yawma yatoonana lakini alththalimoona alyawma fee dalalin mubeenin

Translation: Burya ukwumva n’ukubona kwabo, bizoba bitangaje koko[379] umusi baje iwacu Twebwe Allah ku musi w’izuka! Ahubwo abirenganije kuri uno musi kw’isi, bari mu muzimagiza ugaragara uri kure y’ukuri.

19:39

وَأَنذِرۡهُمۡ يَوۡمَ ٱلۡحَسۡرَةِ إِذۡ قُضِيَ ٱلۡأَمۡرُ وَهُمۡ فِي غَفۡلَةٖ وَهُمۡ لَا يُؤۡمِنُونَ ﴿39﴾

Transliteration: Waanthirhum yawma alhasrati ith qudiya alamru wahum fee ghaflatin wahum la yuminoona

Translation: Ntumwa y’Imana! Gabisha abantu ku bihano vy’umusi wo kwicuza, igihe baciriwe urugororotse, urupfu rukazanwa mw’ishusho ry’intama inuze rugakererwa, maze abantu bagaheza bagatunganirizwa; abemeramana bakaja mu Bwami bw’ijuru, abagarariji na bo bakaja mu muriro; ivyo bizoba ukwo, mu gihe abantu kuri iyi si bagoswe mu kutumva igabisha ryawe, gutyo bakareka kwemera no gukora ibikorwa vyiza bitegetswe.

19:40

إِنَّا نَحۡنُ نَرِثُ ٱلۡأَرۡضَ وَمَنۡ عَلَيۡهَا وَإِلَيۡنَا يُرۡجَعُونَ ﴿40﴾

Transliteration: Inna nahnu narithu alarda waman AAalayha wailayna yurjaAAoona

Translation: Mu vy’ukuri, ni Twebwe Allah Tuzotorana isi n’ibiri kuri yo, ni no kuri Twebwe Allah ibiremwa vyose bizogaruka kugira Tubihembere ivyo vyakoze.

19:41

وَٱذۡكُرۡ فِي ٱلۡكِتَٰبِ إِبۡرَٰهِيمَۚ إِنَّهُۥ كَانَ صِدِّيقٗا نَّبِيًّا ﴿41﴾

Transliteration: Waothkur fee alkitabi ibraheema innahu kana siddeeqan nabiyyan

Translation: Ntumwa y’Imana! Iganira kandi abantu warungitsweko ku nkuru ya Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) iri muri Qor’ani, mu vy’ukuri Ibrahimu yari imvugakuri koko, akaba n’Umuvugishwamana;

19:42

إِذۡ قَالَ لِأَبِيهِ يَـٰٓأَبَتِ لِمَ تَعۡبُدُ مَا لَا يَسۡمَعُ وَلَا يُبۡصِرُ وَلَا يُغۡنِي عَنكَ شَيۡـٔٗا ﴿42﴾

Transliteration: Ith qala liabeehi ya abati lima taAAbudu ma la yasmaAAu wala yubsiru wala yughnee AAanka shayan

Translation: Igihe yabwira se Aazara ati: “Dawe wanje! Ni kuki usenga ibigirwamana bitumva bitanabona, ata n’ikintu na kimwe bikumariye!;

19:43

يَـٰٓأَبَتِ إِنِّي قَدۡ جَآءَنِي مِنَ ٱلۡعِلۡمِ مَا لَمۡ يَأۡتِكَ فَٱتَّبِعۡنِيٓ أَهۡدِكَ صِرَٰطٗا سَوِيّٗا ﴿43﴾

Transliteration: Ya abati innee qad jaanee mina alAAilmi ma lam yatika faittabiAAnee ahdika siratan sawiyyan

Translation: Dawe wanje! Mu vy’ukuri jewe, narahawe n’Imana Allah ubumenyi utigeze uhabwa, ndakwinginze ko wonkurikira nkakurongora mu nzira igororotse;

19:44

يَـٰٓأَبَتِ لَا تَعۡبُدِ ٱلشَّيۡطَٰنَۖ إِنَّ ٱلشَّيۡطَٰنَ كَانَ لِلرَّحۡمَٰنِ عَصِيّٗا ﴿44﴾

Transliteration: Ya abati la taAAbudi alshshaytana inna alshshaytana kana lilrrahmani AAasiyyan

Translation: Dawe wanje! Ntukumvire shetani mu gusenga ibigirwamana; mu vy’ukuri, shetani yaramaze kuba ikigaba kuri Nyenimpuhwe Allah;

19:45

يَـٰٓأَبَتِ إِنِّيٓ أَخَافُ أَن يَمَسَّكَ عَذَابٞ مِّنَ ٱلرَّحۡمَٰنِ فَتَكُونَ لِلشَّيۡطَٰنِ وَلِيّٗا ﴿45﴾

Transliteration: Ya abati innee akhafu an yamassaka AAathabun mina alrrahmani fatakoona lilshshyatani waliyyan

Translation: Dawe wanje! Mu vy’ukuri, jewe ndafise impungenge ko wopfa ukigarariza, maze ugahanwa na Nyenimpuhwe Allah ku musi w’izuka, gutyo ukaba umugenzi wa shetani mu muriro”.

19:46

قَالَ أَرَاغِبٌ أَنتَ عَنۡ ءَالِهَتِي يَـٰٓإِبۡرَٰهِيمُۖ لَئِن لَّمۡ تَنتَهِ لَأَرۡجُمَنَّكَۖ وَٱهۡجُرۡنِي مَلِيّٗا ﴿46﴾

Transliteration: Qala araghibun anta AAan alihatee ya ibraheemu lain lam tantahi laarjumannaka waohjurnee maliyyan

Translation: Aazara yishuye Ibrahimu ati: “Burahi! Ubwo urakenyeye wirengagize isengwa ry’imana zanje! Ni ukuri, utavavanuye n’ugutyoza imana zanje, nzokwicisha amabuye, canke ndakwirukane ugende ubutakigaruka, maze ntuzonasubire no kumvugisha”.

19:47

قَالَ سَلَٰمٌ عَلَيۡكَۖ سَأَسۡتَغۡفِرُ لَكَ رَبِّيٓۖ إِنَّهُۥ كَانَ بِي حَفِيّٗا ﴿47﴾

Transliteration: Qala salamun AAalayka saastaghfiru laka rabbee innahu kana bee hafiyyan

Translation: Ibrahimu yishuye se Aazara ati: “Urakagira amahoro, usimbe imanga! Nzogusabira ku Mana yanje Rurema Allah ko Yokurongora, Ikakugirira n’ikigongwe ku vyaha wakoze. Mu vy’ukuri Imana yanje Rurema Allah, Yamye Inyumvira mu gihe ndayisavye;

19:48

وَأَعۡتَزِلُكُمۡ وَمَا تَدۡعُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِ وَأَدۡعُواْ رَبِّي عَسَىٰٓ أَلَّآ أَكُونَ بِدُعَآءِ رَبِّي شَقِيّٗا ﴿48﴾

Transliteration: WaaAAtazilukum wama tadAAoona min dooni Allahi waadAAoo rabbee AAasa alla akoona biduAAai rabbee shaqiyyan

Translation: Nzobiyonjororako mwebwe hamwe n’ibigirwamana vyanyu musenga mu gishingo c’Imana Allah, mpeze nsabe Imana yanje Rurema Allah, kumbure sinzoreka kwemererwa n’Imana yanje Rurema Allah igisabo ndayisavye”.

19:49

فَلَمَّا ٱعۡتَزَلَهُمۡ وَمَا يَعۡبُدُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِ وَهَبۡنَا لَهُۥٓ إِسۡحَٰقَ وَيَعۡقُوبَۖ وَكُلّٗا جَعَلۡنَا نَبِيّٗا ﴿49﴾

Transliteration: Falamma iAAtazalahum wama yaAAbudoona min dooni Allahi wahabna lahu ishaqa wayaAAqooba wakullan jaAAalna nabiyyan

Translation: Igihe rero Ibrahimu abiyonjororako bo hamwe n’ibigirwamana vyabo basenga mu gishingo c’Imana Allah, Twebwe Allah Twaramuhaye umwana yitwa Is-haka, Tumuha n’umwuzukuru yitwa Yakubu mwene Is-haka, kandi bompi Twabagize Abavugishwamana.

19:50

وَوَهَبۡنَا لَهُم مِّن رَّحۡمَتِنَا وَجَعَلۡنَا لَهُمۡ لِسَانَ صِدۡقٍ عَلِيّٗا ﴿50﴾

Transliteration: Wawahabna lahum min rahmatina wajaAAalna lahum lisana sidqin AAaliyyan

Translation: Twaranabahaye ku mpuhwe zacu ingabirano nyinshi, Tubaha no kuyagwa neza mu bantu.

19:51

وَٱذۡكُرۡ فِي ٱلۡكِتَٰبِ مُوسَىٰٓۚ إِنَّهُۥ كَانَ مُخۡلَصٗا وَكَانَ رَسُولٗا نَّبِيّٗا ﴿51﴾

Transliteration: Waothkur fee alkitabi moosa innahu kana mukhlasan wakana rasoolan nabiyyan

Translation: Ntumwa y’Imana! Iganira kandi abantu warungitsweko ku nkuru ya Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) iri muri Qor’ani; mu vy’ukuri, Musa yaratowe n’Imana Allah, yari Intumwa akaba n’Umuvugishwamana.

19:52

وَنَٰدَيۡنَٰهُ مِن جَانِبِ ٱلطُّورِ ٱلۡأَيۡمَنِ وَقَرَّبۡنَٰهُ نَجِيّٗا ﴿52﴾

Transliteration: Wanadaynahu min janibi alttoori alaymani waqarrabnahu najiyyan

Translation: Twebwe Allah, Twarahamagaye Musa ari amaja mu kabande k’umusozi Twuuri wari iburyo bwiwe[380], maze Tumutera iteka ryo kuvugana na Twe Allah ukuri kwamye[381].

19:53

وَوَهَبۡنَا لَهُۥ مِن رَّحۡمَتِنَآ أَخَاهُ هَٰرُونَ نَبِيّٗا ﴿53﴾

Transliteration: Wawahabna lahu min rahmatina akhahu haroona nabiyyan

Translation: Twaranahaye Musa ku mpuhwe zacu uwumufasha, maze Tumugirira murumunawe Haruna Umuvugishwamana.

19:54

وَٱذۡكُرۡ فِي ٱلۡكِتَٰبِ إِسۡمَٰعِيلَۚ إِنَّهُۥ كَانَ صَادِقَ ٱلۡوَعۡدِ وَكَانَ رَسُولٗا نَّبِيّٗا ﴿54﴾

Transliteration: Waothkur fee alkitabi ismaAAeela innahu kana sadiqa alwaAAdi wakana rasoolan nabiyyan

Translation: Ntumwa y’Imana! Iganira kandi abantu warungitsweko ku nkuru ya Ismayili (nyakugira amahoro y’Imana Allah) iri muri Qor’ani; mu vy’ukuri, Ismayili yari imvugakuri ishitsa ivyo yiyemeje, yari n’Intumwa akaba n’Umuvugishwamana.

19:55

وَكَانَ يَأۡمُرُ أَهۡلَهُۥ بِٱلصَّلَوٰةِ وَٱلزَّكَوٰةِ وَكَانَ عِندَ رَبِّهِۦ مَرۡضِيّٗا ﴿55﴾

Transliteration: Wakana yamuru ahlahu bialssalati waalzzakati wakana AAinda rabbihi mardiyyan

Translation: Yaranabwiriza n’umuryango wiwe gutsimbataza isengesho no gutanga ishikanwa-bwirizwa, yari n’umuntu ashimwa n’Imana Allah.

19:56

وَٱذۡكُرۡ فِي ٱلۡكِتَٰبِ إِدۡرِيسَۚ إِنَّهُۥ كَانَ صِدِّيقٗا نَّبِيّٗا ﴿56﴾

Transliteration: Waothkur fee alkitabi idreesa innahu kana siddeeqan nabiyyan

Translation: Ntumwa y’Imana! Iganira kandi abantu warungitsweko ku nkuru ya Idrisa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) iri muri Qor’ani; mu vy’ukuri, Idrisa yari imvugakuri koko, akaba n’Umuvugishwamana.

19:57

وَرَفَعۡنَٰهُ مَكَانًا عَلِيًّا ﴿57﴾

Transliteration: WarafaAAnahu makanan AAaliyyan

Translation: Twaranadugirije Idrisa icubahiro mu kuyagwa neza n’ibiremwa.

19:58

أُوْلَـٰٓئِكَ ٱلَّذِينَ أَنۡعَمَ ٱللَّهُ عَلَيۡهِم مِّنَ ٱلنَّبِيِّـۧنَ مِن ذُرِّيَّةِ ءَادَمَ وَمِمَّنۡ حَمَلۡنَا مَعَ نُوحٖ وَمِن ذُرِّيَّةِ إِبۡرَٰهِيمَ وَإِسۡرَـٰٓءِيلَ وَمِمَّنۡ هَدَيۡنَا وَٱجۡتَبَيۡنَآۚ إِذَا تُتۡلَىٰ عَلَيۡهِمۡ ءَايَٰتُ ٱلرَّحۡمَٰنِ خَرُّواْۤ سُجَّدٗاۤ وَبُكِيّٗا۩ ﴿58﴾

Transliteration: Olaika allatheena anAAama Allahu AAalayhim mina alnnabiyyeena min thurriyyati adama wamimman hamalna maAAa noohin wamin thurriyyati ibraheema waisraeela wamimman hadayna waijtabayna itha tutla AAalayhim ayatu alrrahmani kharroo sujjadan wabukiyyan

Translation: Ntumwa y’Imana! Abo Tukwiganiye rero inkuru zabo, ni bo Imana Allah Yahaye inema zayo, maze Ibagira Abavugishwamana mu ruvyaro rwa Adamu; nka Idrisa (nyakugira amahoro y'Imana Allah), mu ruvyaro rukomoka ku bo Twarokoye Tukabatwara mu bwato hamwe na Nuhu[382] (nyakugira amahoro y’Imana Allah), mu ruvyaro rwa Ibrahimu[383] no mu ruvyaro rwa Yakubu[384] (ba nyakugira amahoro y’Imana Allah), no mu bo Twarongoye mu nzira yo kwemera Tukabatora kuba Intumwa n’Abavugishwamana. Iyo rero basomewe Aayah za Nyenimpuhwe Allah, bashoka bubama ku ruhanga hasi mu kwubaha Imana Allah, bakorora n’amosozi ku kuyitinya[385].

19:59

فَخَلَفَ مِنۢ بَعۡدِهِمۡ خَلۡفٌ أَضَاعُواْ ٱلصَّلَوٰةَ وَٱتَّبَعُواْ ٱلشَّهَوَٰتِۖ فَسَوۡفَ يَلۡقَوۡنَ غَيًّا ﴿59﴾

Transliteration: Fakhalafa min baAAdihim khalfun adaAAoo alssalata waittabaAAoo alshshahawati fasawfa yalqawna ghayyan

Translation: Mu nyuma y’abo rero, haraje abantu b’ibigaba batitwararika gutsimbataza isengesho, bagakurikira ingingo zihuye n’ivyipfuzo vyabo; bitebe bitebuke rero, bazokwibonerako mu muriro wa Jahannamu.

19:60

إِلَّا مَن تَابَ وَءَامَنَ وَعَمِلَ صَٰلِحٗا فَأُوْلَـٰٓئِكَ يَدۡخُلُونَ ٱلۡجَنَّةَ وَلَا يُظۡلَمُونَ شَيۡـٔٗا ﴿60﴾

Transliteration: Illa man taba waamana waAAamila salihan faolaika yadkhuloona aljannata wala yuthlamoona shayan

Translation: Ariko uwuzokwisubirako muri bo akigaya, agaheza akemera agakora n’ibikorwa vyiza bitegetswe, uyo azoba ari mu bantu Imana Allah Yemereye ukwigaya kwabo, bazokwinjira mu Bwami bw’ijuru, ntibazonarenganywa na gato ku ndishi y’ivyo bakoze;

19:61

جَنَّـٰتِ عَدۡنٍ ٱلَّتِي وَعَدَ ٱلرَّحۡمَٰنُ عِبَادَهُۥ بِٱلۡغَيۡبِۚ إِنَّهُۥ كَانَ وَعۡدُهُۥ مَأۡتِيّٗا ﴿61﴾

Transliteration: Jannati AAadnin allatee waAAada alrrahmanu AAibadahu bialghaybi innahu kana waAAduhu matiyyan

Translation: Bazoba bari mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru rya “Adeni”, ari na Bwo Nyenimpuhwe Allah Yasezeraniye abaja bayo ko bazobwinjira, bakabwemera bataranabubona n’amaso. Mu vy’ukuri, isezerano rya Nyenimpuhwe Allah, ritegerezwa gushika.

19:62

لَّا يَسۡمَعُونَ فِيهَا لَغۡوًا إِلَّا سَلَٰمٗاۖ وَلَهُمۡ رِزۡقُهُمۡ فِيهَا بُكۡرَةٗ وَعَشِيّٗا ﴿62﴾

Transliteration: La yasmaAAoona feeha laghwan illa salaman walahum rizquhum feeha bukratan waAAashiyyan

Translation: Muri nya Bwami bw’ijuru rero, ntibazokwigera bumva amajambo y’imburakimazi (ataroranye), kiretse gusa ijambo ry’indamutso y’amahoro, bazoronswa muri nya Bwami bw’ijuru imfungurwa n’ibinyobwa vyamaho igitondo n’umugoroba, igihe cose babishakiye.

19:63

تِلۡكَ ٱلۡجَنَّةُ ٱلَّتِي نُورِثُ مِنۡ عِبَادِنَا مَن كَانَ تَقِيّٗا ﴿63﴾

Transliteration: Tilka aljannatu allatee noorithu min AAibadina man kana taqiyyan

Translation: Ubwo Bwami bw’ijuru butunganijwe ukwo, ni bwo Bwami Twebwe Allah Twageneye uwo wese mu baja bacu, azoba ari umugamburukiramana.

19:64

وَمَا نَتَنَزَّلُ إِلَّا بِأَمۡرِ رَبِّكَۖ لَهُۥ مَا بَيۡنَ أَيۡدِينَا وَمَا خَلۡفَنَا وَمَا بَيۡنَ ذَٰلِكَۚ وَمَا كَانَ رَبُّكَ نَسِيّٗا ﴿64﴾

Transliteration: Wama natanazzalu illa biamri rabbika lahu ma bayna aydeena wama khalfana wama bayna thalika wama kana rabbuka nasiyyan

Translation: Mumalayika Jibrili! Bwira Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) uti[386]: “Burya twebwe abamalayika, ntituva mw’ijuru ngo tumanuke kw’isi, kiretse kw’itegeko duhawe n’Imana yawe Rurema Allah, ni Yo Rugaba w’ivyo twimirije muri kazoza mu buzima bw’inyuma yo gupfa, n’ivyo twarenganye muri kahise mu buzima bwo kw’isi, n’ibizoba rero hagati yavyo[387] ; kandi Imana yawe Rurema Allah ntiyibagira ikintu na kimwe;

19:65

رَّبُّ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَمَا بَيۡنَهُمَا فَٱعۡبُدۡهُ وَٱصۡطَبِرۡ لِعِبَٰدَتِهِۦۚ هَلۡ تَعۡلَمُ لَهُۥ سَمِيّٗا ﴿65﴾

Transliteration: Rabbu alssamawati waalardi wama baynahuma faoAAbudhu waistabir liAAibadatihi hal taAAlamu lahu samiyyan

Translation: Ni Yo Mana Rurema w’amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo. Muvugishwamana! Shishikara rero uyiyegereza mu vyo ukora vyose unayisenga ari Imwe Rudende, maze wihanganire iyumviramana, wewe hamwe n'abagukurikiye. Nta n’umwe rero yokwitiranywa na Yo mu kuntu Imeze, mu bushobozi n'ububasha vyayo no mu mazina n’amatazirano yayo”.

19:66

وَيَقُولُ ٱلۡإِنسَٰنُ أَءِذَا مَا مِتُّ لَسَوۡفَ أُخۡرَجُ حَيًّا ﴿66﴾

Transliteration: Wayaqoolu alinsanu aitha ma mittu lasawfa okhraju hayyan

Translation: Umuntu agarariza agahakana izuka ry’ibiremwa, arinamura akavuga ati: “Burya ninamara gupfa, ni ivy'ukuri ko nzozurwa ngasubira kuba muzima!”.

19:67

أَوَلَا يَذۡكُرُ ٱلۡإِنسَٰنُ أَنَّا خَلَقۡنَٰهُ مِن قَبۡلُ وَلَمۡ يَكُ شَيۡـٔٗا ﴿67﴾

Transliteration: Awala yathkuru alinsanu anna khalaqnahu min qablu walam yaku shayan

Translation: Mbega umuntu w'umugarariji yibagiye ico ari co! Burya ntiyibuka ko Twebwe Allah Twamuremye ubwa mbere kandi atari bwabeho!

19:68

فَوَرَبِّكَ لَنَحۡشُرَنَّهُمۡ وَٱلشَّيَٰطِينَ ثُمَّ لَنُحۡضِرَنَّهُمۡ حَوۡلَ جَهَنَّمَ جِثِيّٗا ﴿68﴾

Transliteration: Fawarabbika lanahshurannahum waalshshayateena thumma lanuhdirannahum hawla jahannama jithiyyan

Translation: Ntumwa y’Imana! Ndarahiye Jewe Allah kw’izina ry’Imana yawe Rurema, ko abahakana izuka ry’ibiremwa, Twebwe Allah Dutegerezwa kuzobegeraniriza hamwe n’amashetani ku musi w’izuka; hanyuma ni ukuri, Tuzobakumakumira hambavu y’umuriro wa Jahannamu bapfukamye, badashoboye no guhaguruka!

19:69

ثُمَّ لَنَنزِعَنَّ مِن كُلِّ شِيعَةٍ أَيُّهُمۡ أَشَدُّ عَلَى ٱلرَّحۡمَٰنِ عِتِيّٗا ﴿69﴾

Transliteration: Thumma lananziAAanna min kulli sheeAAatin ayyuhum ashaddu AAala alrrahmani AAitiyyan

Translation: Hanyuma, ni ukuri Tuzofata mu mugwi wose, uwari intumva karuhariwe kuri Nyenimpuhwe Allah, abe ari we Duherako guhana.

19:70

ثُمَّ لَنَحۡنُ أَعۡلَمُ بِٱلَّذِينَ هُمۡ أَوۡلَىٰ بِهَا صِلِيّٗا ﴿70﴾

Transliteration: Thumma lanahnu aAAlamu biallatheena hum awla biha siliyyan

Translation: Hanyuma ni ukuri, ni Twebwe Allah Tuzi neza abakwiye kwinjira no guhanwa muri nya muriro wa Jahannamu.

19:71

وَإِن مِّنكُمۡ إِلَّا وَارِدُهَاۚ كَانَ عَلَىٰ رَبِّكَ حَتۡمٗا مَّقۡضِيّٗا ﴿71﴾

Transliteration: Wain minkum illa wariduha kana AAala rabbika hatman maqdiyyan

Translation: Bantu! Nta n’umwe muri mwebwe kiretse ko azoca ku kiraro gitambitse hejuru y’umuriro wa Jahannamu, maze arengane canke akorokereyo hisunzwe ibikorwa vyiwe; ivyo bitegerezwa gushika kuko ari ko vyagezwe n’Imana Allah;

19:72

ثُمَّ نُنَجِّي ٱلَّذِينَ ٱتَّقَواْ وَّنَذَرُ ٱلظَّـٰلِمِينَ فِيهَا جِثِيّٗا ﴿72﴾

Transliteration: Thumma nunajjee allatheena ittaqaw wanatharu alththalimeena feeha jithiyyan

Translation: Hanyuma Twebwe Allah, Dushoke Turokora abatinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, baheze barengane amahoro kuri nya kiraro; maze Tureke abirenganije mu kugarariza, batibukire muri nya muriro wa Jahannamu bapfukamye, badashoboye no guhaguruka.

19:73

وَإِذَا تُتۡلَىٰ عَلَيۡهِمۡ ءَايَٰتُنَا بَيِّنَٰتٖ قَالَ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ لِلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ أَيُّ ٱلۡفَرِيقَيۡنِ خَيۡرٞ مَّقَامٗا وَأَحۡسَنُ نَدِيّٗا ﴿73﴾

Transliteration: Waitha tutla AAalayhim ayatuna bayyinatin qala allatheena kafaroo lillatheena amanoo ayyu alfareeqayni khayrun maqaman waahsanu nadiyyan

Translation: Abantu iyo basomewe Aayah zacu zitomoye, abagarariji baca babwira abemeramana bati: “Ni uwuhe mugwi hagati yacu na mwe ufise ubushikiro n’ubuteramo vyiza gusumba uwundi!”.

19:74

وَكَمۡ أَهۡلَكۡنَا قَبۡلَهُم مِّن قَرۡنٍ هُمۡ أَحۡسَنُ أَثَٰثٗا وَرِءۡيٗا ﴿74﴾

Transliteration: Wakam ahlakna qablahum min qarnin hum ahsanu athathan wariyan

Translation: Ntumwa y’Imana! Hari imigwi myinshi y’abantu Twahoneje aho hambere y’abagarariji mu bantu warungitsweko, bari bifise bikwiye, bakeye cane no mu maso kubasumba.

19:75

قُلۡ مَن كَانَ فِي ٱلضَّلَٰلَةِ فَلۡيَمۡدُدۡ لَهُ ٱلرَّحۡمَٰنُ مَدًّاۚ حَتَّىٰٓ إِذَا رَأَوۡاْ مَا يُوعَدُونَ إِمَّا ٱلۡعَذَابَ وَإِمَّا ٱلسَّاعَةَ فَسَيَعۡلَمُونَ مَنۡ هُوَ شَرّٞ مَّكَانٗا وَأَضۡعَفُ جُندٗا ﴿75﴾

Transliteration: Qul man kana fee alddalalati falyamdud lahu alrrahmanu maddan hatta itha raaw ma yooAAadoona imma alAAathaba waimma alssaAAata fasayaAAlamoona man huwa sharrun makanan waadAAafu jundan

Translation: Ntumwa y’Imana! Bwira abagarariji uti: “Abari mu buhuvyi, Nyenimpuhwe Allah Aratenyenya kubahana, maze bakabugumamwo gushika biboneyeko kw’isi ibihano bagabishijweko; canke bashikiwe n’umuhero w’isi; ico gihe rero, bazomenya neza na neza uwufise ubushikiro bubi cane, akagira n’ingabo ata co zishoboye”.

19:76

وَيَزِيدُ ٱللَّهُ ٱلَّذِينَ ٱهۡتَدَوۡاْ هُدٗىۗ وَٱلۡبَٰقِيَٰتُ ٱلصَّـٰلِحَٰتُ خَيۡرٌ عِندَ رَبِّكَ ثَوَابٗا وَخَيۡرٞ مَّرَدًّا ﴿76﴾

Transliteration: Wayazeedu Allahu allatheena ihtadaw hudan waalbaqiyatu alssalihatu khayrun AAinda rabbika thawaban wakhayrun maraddan

Translation: Imana Allah, Irongerereza n’uburongozi abatumbereye inzira y’idini ryayo rigororotse. Kukaba nkako, burya ibikorwa vyiza vyamaho, ni vyo bifise indishi nziza cane gusumba ku Mana yawe Rurema Allah, ni na vyo umuntu wese yizigira, azeyemwo iherezo ryiza mu buzima bw’inyuma yo gupfa.

19:77

أَفَرَءَيۡتَ ٱلَّذِي كَفَرَ بِـَٔايَٰتِنَا وَقَالَ لَأُوتَيَنَّ مَالٗا وَوَلَدًا ﴿77﴾

Transliteration: Afaraayta allathee kafara biayatina waqala laootayanna malan wawaladan

Translation: Ntumwa y’Imana! Mbega waramenye inkuru y’umugarariji Al’Aaswi mwene Waa-ili, yagararije agahakana yivuye inyuma Aayah zacu Twebwe Allah, maze akinamura akavuga ati: “Ni ukuri, nzohabwa amatungo n’abana mu buzima bw’inyuma yo gupfa”.

19:78

أَطَّلَعَ ٱلۡغَيۡبَ أَمِ ٱتَّخَذَ عِندَ ٱلرَّحۡمَٰنِ عَهۡدٗا ﴿78﴾

Transliteration: AttalaAAa alghayba ami ittakhatha AAinda alrrahmani AAahdan

Translation: Yoba yararungurutse mu binyegejwe ibiremwa, akabona ko azohabwa amatungo n’abana mu buzima bw’inyuma yo gupfa, canke yoba afise isezerano kuri Nyenimpuhwe Allah ko Azobimuha!

19:79

كَلَّاۚ سَنَكۡتُبُ مَا يَقُولُ وَنَمُدُّ لَهُۥ مِنَ ٱلۡعَذَابِ مَدّٗا ﴿79﴾

Transliteration: Kalla sanaktubu ma yaqoolu wanamuddu lahu mina alAAathabi maddan

Translation: Eka nateshwe ate, si nk'uko avyibwira. Twebwe Allah, Tuzokwandika ivyo avuga mu kurementaniriza Imana Allah, Duheze Tumwongerereze ibihano vy’ubwoko bwose mu buzima bw’inyuma yo gupfa;

19:80

وَنَرِثُهُۥ مَا يَقُولُ وَيَأۡتِينَا فَرۡدٗا ﴿80﴾

Transliteration: Wanarithuhu ma yaqoolu wayateena fardan

Translation: Maze Dusubire ku matungo n’abana yiratira, aheze aze iwacu Twebwe Allah ku musi w’izuka ari wenyene, ari imbokoboko.

19:81

وَٱتَّخَذُواْ مِن دُونِ ٱللَّهِ ءَالِهَةٗ لِّيَكُونُواْ لَهُمۡ عِزّٗا ﴿81﴾

Transliteration: Waittakhathoo min dooni Allahi alihatan liyakoonoo lahum AAizzan

Translation: Ababangikanyamana bagize mu gishingo c’Imana Allah ibigirwamana basenga, kugira ngo bibakingire bibatere n’iteka.

19:82

كَلَّاۚ سَيَكۡفُرُونَ بِعِبَادَتِهِمۡ وَيَكُونُونَ عَلَيۡهِمۡ ضِدًّا ﴿82﴾

Transliteration: Kalla sayakfuroona biAAibadatihim wayakoonoona AAalayhim diddan

Translation: Eka nibateshwe bate, si nk'uko bavyibwira, ibigirwamana basenga bizobihakana vyiyamirize n’isengwa ryavyo, maze bibihinduke bibagirize.

19:83

أَلَمۡ تَرَ أَنَّآ أَرۡسَلۡنَا ٱلشَّيَٰطِينَ عَلَى ٱلۡكَٰفِرِينَ تَؤُزُّهُمۡ أَزّٗا ﴿83﴾

Transliteration: Alam tara anna arsalna alshshayateena AAala alkafireena taozzuhum azzan

Translation: Ntumwa y’Imana! Mbega mu vy’ukuri, ntiwabonye ko Twebwe Allah Dushuhurira amashetani ku bagarariji kugira abandanye kubahubisha!

19:84

فَلَا تَعۡجَلۡ عَلَيۡهِمۡۖ إِنَّمَا نَعُدُّ لَهُمۡ عَدّٗا ﴿84﴾

Transliteration: Fala taAAjal AAalayhim innama naAAuddu lahum AAaddan

Translation: Ntiwihutire rero kubasabira ibihano vyo kw’isi, mu vy’ukuri Twebwe Allah, Turabaharurira imyaka bamaze n’ibikorwa bakora, nta na kimwe Twirengagije muri vyo.

19:85

يَوۡمَ نَحۡشُرُ ٱلۡمُتَّقِينَ إِلَى ٱلرَّحۡمَٰنِ وَفۡدٗا ﴿85﴾

Transliteration: Yawma nahshuru almuttaqeena ila alrrahmani wafdan

Translation: Umusi rero Twegeranirije abagamburukiramana kwa Nyenimpuhwe Allah bubashwe, bari mu migwimigwi;

19:86

وَنَسُوقُ ٱلۡمُجۡرِمِينَ إِلَىٰ جَهَنَّمَ وِرۡدٗا ﴿86﴾

Transliteration: Wanasooqu almujrimeena ila jahannama wirdan

Translation: Tugashorera n’abagarariji mu muriro wa Jahannamu bagenda n’ibirenge bishwe n’inyota;

19:87

لَّا يَمۡلِكُونَ ٱلشَّفَٰعَةَ إِلَّا مَنِ ٱتَّخَذَ عِندَ ٱلرَّحۡمَٰنِ عَهۡدٗا ﴿87﴾

Transliteration: La yamlikoona alshshafaAAata illa mani ittakhatha AAinda alrrahmani AAahdan

Translation: Abagarariji ntibazogira n’umwe bavugira mu biremwa, ariko uwuzogira uburenganzira bwo kugira uwo asabiye, ni uwuzoba afise isezerano rya Nyenimpuhwe Allah mu Ntumwa n’abemeramana ryo kuvugira abandi.

19:88

وَقَالُواْ ٱتَّخَذَ ٱلرَّحۡمَٰنُ وَلَدٗا ﴿88﴾

Transliteration: Waqaloo ittakhatha alrrahmanu waladan

Translation: Abagarariji baranavuze ko Nyenimpuhwe Allah Yigeneye umwana.

19:89

لَّقَدۡ جِئۡتُمۡ شَيۡـًٔا إِدّٗا ﴿89﴾

Transliteration: Laqad jitum shayan iddan

Translation: Bantu muvuga ko Imana Allah Yigeneye umwana! Ni ukuri, mwaradukanye ikintu kibi cane kuri iyo mvugo;

19:90

تَكَادُ ٱلسَّمَٰوَٰتُ يَتَفَطَّرۡنَ مِنۡهُ وَتَنشَقُّ ٱلۡأَرۡضُ وَتَخِرُّ ٱلۡجِبَالُ هَدًّا ﴿90﴾

Transliteration: Takadu alssamawatu yatafattarna minhu watanshaqqu alardu watakhirru aljibalu haddan

Translation: Ku bubi bw’iryo jambo, amajuru ahakwa gusaduka, n’isi ihakwa gusatagurika, n’imisozi ihakwa gusenyagurika ikayoka;

19:91

أَن دَعَوۡاْ لِلرَّحۡمَٰنِ وَلَدٗا ﴿91﴾

Transliteration: An daAAaw lilrrahmani waladan

Translation: Ku gushavuzwa n’iyomekera ry’umwana kuri Nyenimpuhwe Allah.

19:92

وَمَا يَنۢبَغِي لِلرَّحۡمَٰنِ أَن يَتَّخِذَ وَلَدًا ﴿92﴾

Transliteration: Wama yanbaghee lilrrahmani an yattakhitha waladan

Translation: Ntibikabe rero ko Nyenimpuhwe Allah Yigenera umwana.

19:93

إِن كُلُّ مَن فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ إِلَّآ ءَاتِي ٱلرَّحۡمَٰنِ عَبۡدٗا ﴿93﴾

Transliteration: In kullu man fee alssamawati waalardi illa atee alrrahmani AAabdan

Translation: Ibiremwa biri mu majuru mu bamalayika, n’ibiremwa biri kw’isi mu bantu n’amajini, vyose bizosubira kuri Nyenimpuhwe Allah, ari abaja bicisha bugufi kuri Yo.

19:94

لَّقَدۡ أَحۡصَىٰهُمۡ وَعَدَّهُمۡ عَدّٗا ﴿94﴾

Transliteration: Laqad ahsahum waAAaddahum AAaddan

Translation: Ni ukuri Imana Allah, Yaramaze guharura ibiremwa vyayo ata kwihenda, Iraheza Iramenya n’igitigiri cavyo;

19:95

وَكُلُّهُمۡ ءَاتِيهِ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ فَرۡدًا ﴿95﴾

Transliteration: Wakulluhum ateehi yawma alqiyamati fardan

Translation: Kandi umwe wese mu biremwa, azoza ku Mana Allah ku musi w’izuka ari wenyene, ari imbokoboko.

19:96

إِنَّ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّـٰلِحَٰتِ سَيَجۡعَلُ لَهُمُ ٱلرَّحۡمَٰنُ وُدّٗا ﴿96﴾

Transliteration: Inna allatheena amanoo waAAamiloo alssalihati sayajAAalu lahumu alrrahmanu wuddan

Translation: Mu vy’ukuri, abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bagakora n’ivyiza bitegetswe, Nyenimpuhwe Allah Azobaha gukundwa n’ibiremwa.

19:97

فَإِنَّمَا يَسَّرۡنَٰهُ بِلِسَانِكَ لِتُبَشِّرَ بِهِ ٱلۡمُتَّقِينَ وَتُنذِرَ بِهِۦ قَوۡمٗا لُّدّٗا ﴿97﴾

Transliteration: Fainnama yassarnahu bilisanika litubashshira bihi almuttaqeena watunthira bihi qawman luddan

Translation: Ntumwa y’Imana! Ni ukuri Twebwe Allah, Tworoheje Qor’ani mu rurimi rwawe rw’icarabu; kugira uyikoreshe mu gushikiriza inkuru nziza ihumuriza abagamburukiramana, ko bazohabwa Ubwami bw’ijuru, no mu kugabisha abantu b’inshirwarimenetse mu bigaba ku bihano vy’Imana Allah.

19:98

وَكَمۡ أَهۡلَكۡنَا قَبۡلَهُم مِّن قَرۡنٍ هَلۡ تُحِسُّ مِنۡهُم مِّنۡ أَحَدٍ أَوۡ تَسۡمَعُ لَهُمۡ رِكۡزَۢا ﴿98﴾

Transliteration: Wakam ahlakna qablahum min qarnin hal tuhissu minhum min ahadin aw tasmaAAu lahum rikzan

Translation: Ntumwa y’Imana! Hari imigwi myinshi y’abantu Twahoneje aho hambere y’abagarariji mu bantu warungitsweko, hari n’umwe ubona muri bo yasigaye, canke ngo wumve n’ijwi ryabo[388]!

Transliteration source: English Transliteration by Tanzil. Used under Tanzil's non-commercial terms; see the source and latest updates at Tanzil. Tanzil translation download