quranm◉

Surah Taha transliteration

◉ Sura · ∞

20:1

طه ﴿1﴾

Transliteration: Taha

Translation: Twaa Haa[1].

20:2

مَآ أَنزَلۡنَا عَلَيۡكَ ٱلۡقُرۡءَانَ لِتَشۡقَىٰٓ ﴿2﴾

Transliteration: Ma anzalna AAalayka alqurana litashqa

Translation: Ntumwa y’Imana! Ntitwakumanuriye Qor’ani kugira ngo ikubere amananiza mu vyo ukora;

20:3

إِلَّا تَذۡكِرَةٗ لِّمَن يَخۡشَىٰ ﴿3﴾

Transliteration: Illa tathkiratan liman yakhsha

Translation: Ariko Twayikumanuriye kugira ibe inyigisho n’urwibutso ku wutinya ibihano vy’Imana Allah, maze akubahiriza amabwirizwa yayo.

20:4

تَنزِيلٗا مِّمَّنۡ خَلَقَ ٱلۡأَرۡضَ وَٱلسَّمَٰوَٰتِ ٱلۡعُلَى ﴿4﴾

Transliteration: Tanzeelan mimman khalaqa alarda waalssamawati alAAula

Translation: Iyi Qor’ani, yamanuwe ivuye ku Mana Allah Yaremye isi n’amajuru ahanitse mu kirere;

20:5

ٱلرَّحۡمَٰنُ عَلَى ٱلۡعَرۡشِ ٱسۡتَوَىٰ ﴿5﴾

Transliteration: Alrrahmanu AAala alAAarshi istawa

Translation: Nyenimpuhwe Allah Ahangamiye hejuru y'ibiremwa vyose ku Buhangamo bwiwe "Al’Arsh" mu buryo buberanye n'icubahiro ciwe.

20:6

لَهُۥ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَا فِي ٱلۡأَرۡضِ وَمَا بَيۡنَهُمَا وَمَا تَحۡتَ ٱلثَّرَىٰ ﴿6﴾

Transliteration: Lahu ma fee alssamawati wama fee alardi wama baynahuma wama tahta alththara

Translation: Ni We Rugaba Agaba Akaganza ibiri mu majuru n’ibiri mw’isi n’ibiri hagati yavyo, hamwe n’ibiri mu kuzimu.

20:7

وَإِن تَجۡهَرۡ بِٱلۡقَوۡلِ فَإِنَّهُۥ يَعۡلَمُ ٱلسِّرَّ وَأَخۡفَى ﴿7﴾

Transliteration: Wain tajhar bialqawli fainnahu yaAAlamu alssirra waakhfa

Translation: Ntumwa y’Imana! Niwaserura ijambo canke ukongorera, uramenya ko Imana Allah ata co Itazi; ni ukuri, Irazi neza ibiri mw’ibanga n’ibihishije mu mishaha.

20:8

ٱللَّهُ لَآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَۖ لَهُ ٱلۡأَسۡمَآءُ ٱلۡحُسۡنَىٰ ﴿8﴾

Transliteration: Allahu la ilaha illa huwa lahu alasmao alhusna

Translation: Allah ni Yo Mana ata yindi mana ibwirijwe gusengwa atari Yo, Ifise amazina meza cane n’amatazirano ayiranga.

20:9

وَهَلۡ أَتَىٰكَ حَدِيثُ مُوسَىٰٓ ﴿9﴾

Transliteration: Wahal ataka hadeethu moosa

Translation: Ntumwa y’Imana! Mbega warashikiriwe n’inkuru ya Musa mwene Amrani (nyakugira amahoro y’Imana Allah), igihe yava muri Madiyani agana muri Misiri!

20:10

إِذۡ رَءَا نَارٗا فَقَالَ لِأَهۡلِهِ ٱمۡكُثُوٓاْ إِنِّيٓ ءَانَسۡتُ نَارٗا لَّعَلِّيٓ ءَاتِيكُم مِّنۡهَا بِقَبَسٍ أَوۡ أَجِدُ عَلَى ٱلنَّارِ هُدٗى ﴿10﴾

Transliteration: Ith raa naran faqala liahlihi omkuthoo innee anastu naran laAAallee ateekum minha biqabasin aw ajidu AAala alnnari hudan

Translation: Igihe yabona umucanwa waka mw’ijoro, agaca abwira umuryango wiwe bari kumwe ati: “Nimundindire gato, ni ukuri jewe nabonye umucanwa waka, hari n’aho nobazanira igishirira mukota, canke nkahasanga umuntu yotuzimurura akatwereka inzira”.

20:11

فَلَمَّآ أَتَىٰهَا نُودِيَ يَٰمُوسَىٰٓ ﴿11﴾

Transliteration: Falamma ataha noodiya ya moosa

Translation: Musa amaze gushika aho yabonye nya mucanwa, yarahamagawe n’Imana Allah Iti: “Ewe Musa!

20:12

إِنِّيٓ أَنَا۠ رَبُّكَ فَٱخۡلَعۡ نَعۡلَيۡكَ إِنَّكَ بِٱلۡوَادِ ٱلۡمُقَدَّسِ طُوٗى ﴿12﴾

Transliteration: Innee ana rabbuka faikhlaAA naAAlayka innaka bialwadi almuqaddasi tuwan

Translation: Mu vy’ukuri, ni Jewe Imana yawe Rurema Allah, enda nyabuna rero, kura ibirato vyawe wambaye; mu vy’ukuri, aha uri mu kabande “Twuwa” gahezagiwe;

20:13

وَأَنَا ٱخۡتَرۡتُكَ فَٱسۡتَمِعۡ لِمَا يُوحَىٰٓ ﴿13﴾

Transliteration: Waana ikhtartuka faistamiAA lima yooha

Translation: Jewe Allah Nagutoye kuba Intumwa, umviriza rero Ndaguhishurire;

20:14

إِنَّنِيٓ أَنَا ٱللَّهُ لَآ إِلَٰهَ إِلَّآ أَنَا۠ فَٱعۡبُدۡنِي وَأَقِمِ ٱلصَّلَوٰةَ لِذِكۡرِيٓ ﴿14﴾

Transliteration: Innanee ana Allahu la ilaha illa ana faoAAbudnee waaqimi alssalata lithikree

Translation: Mu vy’ukuri ni Jewe Allah, ata yindi mana ibwirijwe gusengwa atari Jewe, nyiyegereze rero mu vyo ukora vyose unansenge utambangikanya, wongere utsimbataze isengesho mu kuninahaza no mu kuntazira;

20:15

إِنَّ ٱلسَّاعَةَ ءَاتِيَةٌ أَكَادُ أُخۡفِيهَا لِتُجۡزَىٰ كُلُّ نَفۡسِۭ بِمَا تَسۡعَىٰ ﴿15﴾

Transliteration: Inna alssaAAata atiyatun akadu okhfeeha litujza kullu nafsin bima tasAAa

Translation: Mu vy’ukuri, isango ry’umuhero w’isi nta nkeka ko vuba bwango rigiye gushika; Narigize ibanga ryanje gusa, aho ata kiremwa kizi igihe nya sango rizogererako, kugira umuntu wese ahemberwe ivyo yakoze kw’isi;

20:16

فَلَا يَصُدَّنَّكَ عَنۡهَا مَن لَّا يُؤۡمِنُ بِهَا وَٱتَّبَعَ هَوَىٰهُ فَتَرۡدَىٰ ﴿16﴾

Transliteration: Fala yasuddannaka AAanha man la yuminu biha waittabaAAa hawahu fatarda

Translation: Musa! Ntuzobuzwe kwemera isango ry’umuhero w’isi, n’uwutemera ko iryo sango ribaho ngo aryitegurire, agahitamwo gukurikira ivyipfuzo vyiwe, agahona;

20:17

وَمَا تِلۡكَ بِيَمِينِكَ يَٰمُوسَىٰ ﴿17﴾

Transliteration: Wama tilka biyameenika ya moosa

Translation: Mbega Musa! Ico witwaje mu kuryo kwawe, ni igiki?”.

20:18

قَالَ هِيَ عَصَايَ أَتَوَكَّؤُاْ عَلَيۡهَا وَأَهُشُّ بِهَا عَلَىٰ غَنَمِي وَلِيَ فِيهَا مَـَٔارِبُ أُخۡرَىٰ ﴿18﴾

Transliteration: Qala hiya AAasaya atawakkao AAalayha waahushshu biha AAala ghanamee waliya feeha maaribu okhra

Translation: Musa yishura ati: “Ni inkoni yanje nishimikiza, nkayikoresha no mu kwahirira ubwatsi intama zanje, ndanayikoresha no mu bindi ngirakamaro”.

20:19

قَالَ أَلۡقِهَا يَٰمُوسَىٰ ﴿19﴾

Transliteration: Qala alqiha ya moosa

Translation: Imana Allah Ibwira Musa Iti: “Musa! Terera hasi iyo nkoni”;

20:20

فَأَلۡقَىٰهَا فَإِذَا هِيَ حَيَّةٞ تَسۡعَىٰ ﴿20﴾

Transliteration: Faalqaha faitha hiya hayyatun tasAAa

Translation: Musa aca aterera hasi ya nkoni maze ihinduka inzoka yigendera. Musa abonye nya nzoka, yabaye nk’uwuyihunga;

20:21

قَالَ خُذۡهَا وَلَا تَخَفۡۖ سَنُعِيدُهَا سِيرَتَهَا ٱلۡأُولَىٰ ﴿21﴾

Transliteration: Qala khuthha wala takhaf sanuAAeeduha seerataha aloola

Translation: Imana Allah Ica Imubwira Iti: “Tora iyo nzoka, kandi ntutinye kuyitora, Twebwe Allah Turayihindura isubire kuba inkoni ukuri kwamye;

20:22

وَٱضۡمُمۡ يَدَكَ إِلَىٰ جَنَاحِكَ تَخۡرُجۡ بَيۡضَآءَ مِنۡ غَيۡرِ سُوٓءٍ ءَايَةً أُخۡرَىٰ ﴿22﴾

Transliteration: Waodmum yadaka ila janahika takhruj baydaa min ghayri sooin ayatan okhra

Translation: Vyongeye, shira ikiganza cawe mu kwaha, kivayo cererana gisayangana bidaturutse ku ndwara y’ubukarabe; ico kikaba ari ikindi gitangaro;

20:23

لِنُرِيَكَ مِنۡ ءَايَٰتِنَا ٱلۡكُبۡرَى ﴿23﴾

Transliteration: Linuriyaka min ayatina alkubra

Translation: Ivyo vyose Twabigize kugira Tukwereke bimwe mu bitangaro vyacu bihambaye, vyerekana ko uri Intumwa vy’ukuri;

20:24

ٱذۡهَبۡ إِلَىٰ فِرۡعَوۡنَ إِنَّهُۥ طَغَىٰ ﴿24﴾

Transliteration: Ithhab ila firAAawna innahu tagha

Translation: Genda rero kwa Firawuni umurarikire kwemera no gusenga Imana Imwe Rudende Allah, mu vy’ukuri yarimonogoje mu bugarariji”.

20:25

قَالَ رَبِّ ٱشۡرَحۡ لِي صَدۡرِي ﴿25﴾

Transliteration: Qala rabbi ishrah lee sadree

Translation: Musa yavuze ati: “Mana yanje Rurema Allah! Nyagurira igikiriza canje mu kwihangana;

20:26

وَيَسِّرۡ لِيٓ أَمۡرِي ﴿26﴾

Transliteration: Wayassir lee amree

Translation: Wongere Unyorohereze iki gikorwa;

20:27

وَٱحۡلُلۡ عُقۡدَةٗ مِّن لِّسَانِي ﴿27﴾

Transliteration: Waohlul AAuqdatan min lisanee

Translation: Umpe n’ubushobozi bwo gutomora;

20:28

يَفۡقَهُواْ قَوۡلِي ﴿28﴾

Transliteration: Yafqahoo qawlee

Translation: Kugira abo Undungitseko batahure amajambo yanje;

20:29

وَٱجۡعَل لِّي وَزِيرٗا مِّنۡ أَهۡلِي ﴿29﴾

Transliteration: WaijAAal lee wazeeran min ahlee

Translation: Ndagusavye Ungirire umufasha mu muryango wanje;

20:30

هَٰرُونَ أَخِي ﴿30﴾

Transliteration: Haroona akhee

Translation: Haruna murumunanje;

20:31

ٱشۡدُدۡ بِهِۦٓ أَزۡرِي ﴿31﴾

Transliteration: Oshdud bihi azree

Translation: Gutyo Umunshigikize mu kuntera intege, amfate mu mugongo;

20:32

وَأَشۡرِكۡهُ فِيٓ أَمۡرِي ﴿32﴾

Transliteration: Waashrikhu fee amree

Translation: Umugire uwo dufatanije mu butumwa no kubushikiriza;

20:33

كَيۡ نُسَبِّحَكَ كَثِيرٗا ﴿33﴾

Transliteration: Kay nusabbihaka katheeran

Translation: Kugira jewe na we dushishikare kukuninahaza cane;

20:34

وَنَذۡكُرَكَ كَثِيرًا ﴿34﴾

Transliteration: Wanathkuraka katheeran

Translation: Twongere twibuke kwama tugushimagiza kenshi;

20:35

إِنَّكَ كُنتَ بِنَا بَصِيرٗا ﴿35﴾

Transliteration: Innaka kunta bina baseeran

Translation: Mu vy’ukuri, Wewe Wamye Uri Nyenukubona, ivyo dukora vyose Urabibona”.

20:36

قَالَ قَدۡ أُوتِيتَ سُؤۡلَكَ يَٰمُوسَىٰ ﴿36﴾

Transliteration: Qala qad ooteeta sulaka ya moosa

Translation: Imana Allah Yavuze Iti: “Musa! Ni ukuri wamaze kwemererwa ibisabo vyawe;

20:37

وَلَقَدۡ مَنَنَّا عَلَيۡكَ مَرَّةً أُخۡرَىٰٓ ﴿37﴾

Transliteration: Walaqad mananna AAalayka marratan okhra

Translation: Kandi n’imbere y’ivyo bisabo Tukwemereye, ni ukuri Twaraguhaye izindi nema, igihe wari uruhinja Tukagukiza ububisha bwa Firawuni;

20:38

إِذۡ أَوۡحَيۡنَآ إِلَىٰٓ أُمِّكَ مَا يُوحَىٰٓ ﴿38﴾

Transliteration: Ith awhayna ila ommika ma yooha

Translation: Igihe Twebwe Allah Twereka nyoko wawe;

20:39

أَنِ ٱقۡذِفِيهِ فِي ٱلتَّابُوتِ فَٱقۡذِفِيهِ فِي ٱلۡيَمِّ فَلۡيُلۡقِهِ ٱلۡيَمُّ بِٱلسَّاحِلِ يَأۡخُذۡهُ عَدُوّٞ لِّي وَعَدُوّٞ لَّهُۥۚ وَأَلۡقَيۡتُ عَلَيۡكَ مَحَبَّةٗ مِّنِّي وَلِتُصۡنَعَ عَلَىٰ عَيۡنِيٓ ﴿39﴾

Transliteration: Ani iqthifeehi fee alttabooti faiqthifeehi fee alyammi falyulqihi alyammu bialssahili yakhuthhu AAaduwwun lee waAAaduwwun lahu waalqaytu AAalayka mahabbatan minnee walitusnaAAa AAala AAaynee

Translation: Ko amaze kukwibaruka yogushira mw’isandugu, maze agaterera nya sandugu mu ruzi rwa Nili, nya ruzi rugaheza rukaguta ku nkengera zarwo, kugira umwansi wanje akaba n’umwansi wawe Firawuni agutore. Twaranaguhaye igikundiro maze ukundwa n’abantu, kugira urererwe aho Tugushinze amaso Tukubungabunge[2]”.

20:40

إِذۡ تَمۡشِيٓ أُخۡتُكَ فَتَقُولُ هَلۡ أَدُلُّكُمۡ عَلَىٰ مَن يَكۡفُلُهُۥۖ فَرَجَعۡنَٰكَ إِلَىٰٓ أُمِّكَ كَيۡ تَقَرَّ عَيۡنُهَا وَلَا تَحۡزَنَۚ وَقَتَلۡتَ نَفۡسٗا فَنَجَّيۡنَٰكَ مِنَ ٱلۡغَمِّ وَفَتَنَّـٰكَ فُتُونٗاۚ فَلَبِثۡتَ سِنِينَ فِيٓ أَهۡلِ مَدۡيَنَ ثُمَّ جِئۡتَ عَلَىٰ قَدَرٖ يَٰمُوسَىٰ ﴿40﴾

Transliteration: Ith tamshee okhtuka fataqoolu hal adullukum AAala man yakfuluhu farajaAAnaka ila ommika kay taqarra AAaynuha wala tahzana waqatalta nafsan fanajjaynaka mina alghammi wafatannaka futoonan falabithta sineena fee ahli madyana thumma jita AAala qadarin ya moosa

Translation: Twaranaguhaye inema mu kugushinga mushikawe agenda akurikirana isandugu washizwemwo, araheza abwira abagutoye ati: “Mbega mwonkundira nkabereka umuvyeyi yomwitaho, akamurera, akanamubonkereza!”. Gutyo Tubona kugusubiza kwa nyoko wawe umaze gushika mu kirimba kwa Firawuni, kugira agumize umutima mu nda, maze ntiyicwe n’intuntu yo kutakubona. Warishe n’umuntu w’Umunyagiputa ku mpanuka, Turaheza Tugukiza kwicwa n’agahinda ko gutinya kwihora ukicwa, Turanakugerageza igeragezwa rikomeye, maze ku gutinya kwicwa uja mu bantu ba Madiyani, uraheza ugumayo imyaka n’iyindi, hanyuma ni ho wava i Madiyani ugaruka kw’isango ryagezwe n’Imana Allah;

20:41

وَٱصۡطَنَعۡتُكَ لِنَفۡسِي ﴿41﴾

Transliteration: WaistanaAAtuka linafsee

Translation: Ni ukwo rero Naguteguye kugira ube Intumwa yanje.

20:42

ٱذۡهَبۡ أَنتَ وَأَخُوكَ بِـَٔايَٰتِي وَلَا تَنِيَا فِي ذِكۡرِي ﴿42﴾

Transliteration: Ithhab anta waakhooka biayatee wala taniya fee thikree

Translation: Musa! Genda rero wewe hamwe na murumunawe Haruna, mugende mwitwaje ivyemezo vyanje vyerekana ukuri kw’ubutumwa bwanyu, kandi ntimuhengeshanye kuninahaza no kuntazira;

20:43

ٱذۡهَبَآ إِلَىٰ فِرۡعَوۡنَ إِنَّهُۥ طَغَىٰ ﴿43﴾

Transliteration: Ithhaba ila firAAawna innahu tagha

Translation: Nimugende kwa Firawuni uko muri babiri, mumurarikire kwemera no gusenga Imana Imwe Rudende Allah, mu vy’ukuri yarimonogoje mu bugarariji ararenza;

20:44

فَقُولَا لَهُۥ قَوۡلٗا لَّيِّنٗا لَّعَلَّهُۥ يَتَذَكَّرُ أَوۡ يَخۡشَىٰ ﴿44﴾

Transliteration: Faqoola lahu qawlan layyinan laAAallahu yatathakkaru aw yakhsha

Translation: Maze mumubwire mu majambo yoroshe; hari n’aho yokwikebuka canke agatinya Imana yiwe Rurema Allah".

20:45

قَالَا رَبَّنَآ إِنَّنَا نَخَافُ أَن يَفۡرُطَ عَلَيۡنَآ أَوۡ أَن يَطۡغَىٰ ﴿45﴾

Transliteration: Qala rabbana innana nakhafu an yafruta AAalayna aw an yatgha

Translation: Musa na Haruna baraheza bishura bati: “Mana yacu Rurema Allah! Mu vy’ukuri, turafise impungenge n’ubwoba ko Firawuni atwitanga akaduhana, canke akiguburiza agahakana ukuri amenya”.

20:46

قَالَ لَا تَخَافَآۖ إِنَّنِي مَعَكُمَآ أَسۡمَعُ وَأَرَىٰ ﴿46﴾

Transliteration: Qala la takhafa innanee maAAakuma asmaAAu waara

Translation: Imana Allah Ica Ibwira Musa na Haruna Iti: “Ntimutinye Firawuni namba; mu vy’ukuri, Jewe Allah Ndi kumwe na mwe, Ndumva ivyo muvuga kandi Ndabona n’ivyo mukora;

20:47

فَأۡتِيَاهُ فَقُولَآ إِنَّا رَسُولَا رَبِّكَ فَأَرۡسِلۡ مَعَنَا بَنِيٓ إِسۡرَـٰٓءِيلَ وَلَا تُعَذِّبۡهُمۡۖ قَدۡ جِئۡنَٰكَ بِـَٔايَةٖ مِّن رَّبِّكَۖ وَٱلسَّلَٰمُ عَلَىٰ مَنِ ٱتَّبَعَ ٱلۡهُدَىٰٓ ﴿47﴾

Transliteration: Fatiyahu faqoola inna rasoola rabbika faarsil maAAana banee israeela wala tuAAaththibhum qad jinaka biayatin min rabbika waalssalamu AAala mani ittabaAAa alhuda

Translation: Nimuje kwa Firawuni muheze mumubwire muti: “Twebwe Twempi turi Intumwa z’Imana yawe Rurema Allah zarungitswe kuri wewe, ko woha Bene Israyeli ubwigenge, kandi ntukabacure bufuni na buhoro; ni ukuri, twaje tukuzaniye igitangaro kivuye ku Mana yawe Rurema Allah cerekana ukuri kwacu, harakagira amahoro yo kudahanwa n’Imana Allah uwuzokurikira uburongozi bwayo;

20:48

إِنَّا قَدۡ أُوحِيَ إِلَيۡنَآ أَنَّ ٱلۡعَذَابَ عَلَىٰ مَن كَذَّبَ وَتَوَلَّىٰ ﴿48﴾

Transliteration: Inna qad oohiya ilayna anna alAAathaba AAala man kaththaba watawalla

Translation: Ni ukuri, twebwe twarahishuriwe n’Imana Allah ko Iha ibihano vyayo uwuzohakana akirengagiza amabwirizwa yayo””.

20:49

قَالَ فَمَن رَّبُّكُمَا يَٰمُوسَىٰ ﴿49﴾

Transliteration: Qala faman rabbukuma ya moosa

Translation: Firawuni araheza ababaza n’agasuzuguro n'akantu ati: “Musa! Mbega none, Imana yanyu Rurema Allah, ni nde?”;

20:50

قَالَ رَبُّنَا ٱلَّذِيٓ أَعۡطَىٰ كُلَّ شَيۡءٍ خَلۡقَهُۥ ثُمَّ هَدَىٰ ﴿50﴾

Transliteration: Qala rabbuna allathee aAAta kulla shayin khalqahu thumma hada

Translation: Musa yishura Firawuni ati: “Imana yacu Rurema Allah, Yahaye ikintu ico ari co cose indemo nziza ikibereye, Iraheza Irongora ikiremwa ico ari co cose ukuntu cibeshaho”.

20:51

قَالَ فَمَا بَالُ ٱلۡقُرُونِ ٱلۡأُولَىٰ ﴿51﴾

Transliteration: Qala fama balu alqurooni aloola

Translation: Firawuni abaza Musa ku mvo zo kumuhaririza ati: “Mbega none imigwi y’abantu bo hambere yacu badutanze mu bugarariji, uyivuzeko iki?”.

20:52

قَالَ عِلۡمُهَا عِندَ رَبِّي فِي كِتَٰبٖۖ لَّا يَضِلُّ رَبِّي وَلَا يَنسَى ﴿52﴾

Transliteration: Qala AAilmuha AAinda rabbee fee kitabin la yadillu rabbee wala yansa

Translation: Musa arishura Firawuni ati: “Ubumenyi bw’ivyakozwe n’abo hambere yawe, bufiswe n’Imana yanje Rurema Allah, mu Gitabu nyezina canditswemwo ivyagezwe n’ishirwa mu ngiro ryavyo, Imana yanje Rurema Allah ntiyihenda canke ngo Yibagire gushira mu ngiro ivyagezwe”.

20:53

ٱلَّذِي جَعَلَ لَكُمُ ٱلۡأَرۡضَ مَهۡدٗا وَسَلَكَ لَكُمۡ فِيهَا سُبُلٗا وَأَنزَلَ مِنَ ٱلسَّمَآءِ مَآءٗ فَأَخۡرَجۡنَا بِهِۦٓ أَزۡوَٰجٗا مِّن نَّبَاتٖ شَتَّىٰ ﴿53﴾

Transliteration: Allathee jaAAala lakumu alarda mahdan wasalaka lakum feeha subulan waanzala mina alssamai maan faakhrajna bihi azwajan min nabatin shatta

Translation: Ni Yo Yabaremeye isi ishashe kugira muyibeko vyoroshe, Ibacira inzira z’uruja n’uruza kuri nya si, Ituma hagwa n’imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, gutyo Twebwe Allah Turaheza Tumeresha ibiterwa n'ivyimeza vy’ubwoko butandukanye hakoreshejwe amazi ya nya mvura.

20:54

كُلُواْ وَٱرۡعَوۡاْ أَنۡعَٰمَكُمۡۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٖ لِّأُوْلِي ٱلنُّهَىٰ ﴿54﴾

Transliteration: Kuloo wairAAaw anAAamakum inna fee thalika laayatin liolee alnnuha

Translation: Bantu! Nimufungure rero mu vyiza bimera kw’isi, muheze muragire n’ibitungwa vyanyu ahari ubwatsi. Mu vy’ukuri muri ivyo vyose rero, ni ukuri harimwo ivyemezo vyotuma abanyabwenge babushitse[3], batahura ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah, bakayisenga ari Imwe Rudende.

20:55

مِنۡهَا خَلَقۡنَٰكُمۡ وَفِيهَا نُعِيدُكُمۡ وَمِنۡهَا نُخۡرِجُكُمۡ تَارَةً أُخۡرَىٰ ﴿55﴾

Transliteration: Minha khalaqnakum wafeeha nuAAeedukum waminha nukhrijukum taratan okhra

Translation: Bantu! Ni mw’ivu Twabaremye, ni na ryo nyene Tuzobasubizamwo mumaze gupfa, ni na ryo nyene kandi Tuzobazuramwo ku musi w’izuka kugira muharurirwe, muheze muhemberwe ivyo mwakoze.

20:56

وَلَقَدۡ أَرَيۡنَٰهُ ءَايَٰتِنَا كُلَّهَا فَكَذَّبَ وَأَبَىٰ ﴿56﴾

Transliteration: Walaqad araynahu ayatina kullaha fakaththaba waaba

Translation: Ni ukuri, Twareretse Firawuni ivyemezo n’ibitangaro vyacu vyose vyerekana ukuri kwa Musa, maze arabihakana yivuye inyuma, aranka no kwumviriza ukuri.

20:57

قَالَ أَجِئۡتَنَا لِتُخۡرِجَنَا مِنۡ أَرۡضِنَا بِسِحۡرِكَ يَٰمُوسَىٰ ﴿57﴾

Transliteration: Qala ajitana litukhrijana min ardina bisihrika ya moosa

Translation: Ni ho rero Firawuni yaheza akavuga ati: “Mbega Musa! Karashize ingani uze utwomore, udukure mu zacu ukoresheje ubukonikoni bwawe!”.

20:58

فَلَنَأۡتِيَنَّكَ بِسِحۡرٖ مِّثۡلِهِۦ فَٱجۡعَلۡ بَيۡنَنَا وَبَيۡنَكَ مَوۡعِدٗا لَّا نُخۡلِفُهُۥ نَحۡنُ وَلَآ أَنتَ مَكَانٗا سُوٗى ﴿58﴾

Transliteration: Falanatiyannaka bisihrin mithlihi faijAAal baynana wabaynaka mawAAidan la nukhlifuhu nahnu wala anta makanan suwan

Translation: Namba ari ubukonikoni bwobwo, dutegerezwa kuzana ubukonikoni nk’ubwo watuzaniye; gena rero isango nyezina tuzohurirako, maze ntihagire n’umwe asiba kuri nya sango, duheze duhurire ahantu abantu bashobora gushika ata wukumiriwe.

20:59

قَالَ مَوۡعِدُكُمۡ يَوۡمُ ٱلزِّينَةِ وَأَن يُحۡشَرَ ٱلنَّاسُ ضُحٗى ﴿59﴾

Transliteration: Qala mawAAidukum yawmu alzzeenati waan yuhshara alnnasu duhan

Translation: Musa araheza abwira Firawuni ati: “Isango ryo guhurirako, ni ku musi w’ihimbazwa ry’ibirori, igihe abantu bazoba bambaye bakaberwa, bakazokorana mu gitondo izuba riva, bavuye mu mihingo yose”.

20:60

فَتَوَلَّىٰ فِرۡعَوۡنُ فَجَمَعَ كَيۡدَهُۥ ثُمَّ أَتَىٰ ﴿60﴾

Transliteration: Fatawalla firAAawnu fajamaAAa kaydahu thumma ata

Translation: Maze Firawuni agenza umugongo mu kwirengagiza ukuri yashikirijwe na Musa, araheza arararika abakonikoni biwe, hanyuma aritaba nya sango.

20:61

قَالَ لَهُم مُّوسَىٰ وَيۡلَكُمۡ لَا تَفۡتَرُواْ عَلَى ٱللَّهِ كَذِبٗا فَيُسۡحِتَكُم بِعَذَابٖۖ وَقَدۡ خَابَ مَنِ ٱفۡتَرَىٰ ﴿61﴾

Transliteration: Qala lahum moosa waylakum la taftaroo AAala Allahi kathiban fayushitakum biAAathabin waqad khaba mani iftara

Translation: Ni ho Musa yabwira ba bakonikoni ba Firawuni abahanura ati: “Muragabe, ntimurementanirize Imana Allah, kuko Yobarandurana n’imizi mu kubahana, kandi ni ukuri yarahuvye uwurementaniriza Imana Allah”.

20:62

فَتَنَٰزَعُوٓاْ أَمۡرَهُم بَيۡنَهُمۡ وَأَسَرُّواْ ٱلنَّجۡوَىٰ ﴿62﴾

Transliteration: FatanazaAAoo amrahum baynahum waasarroo alnnajwa

Translation: Ba bakonikoni baraheza rero barikebukana bahazana mw’ibanga nta ngere;

20:63

قَالُوٓاْ إِنۡ هَٰذَٰنِ لَسَٰحِرَٰنِ يُرِيدَانِ أَن يُخۡرِجَاكُم مِّنۡ أَرۡضِكُم بِسِحۡرِهِمَا وَيَذۡهَبَا بِطَرِيقَتِكُمُ ٱلۡمُثۡلَىٰ ﴿63﴾

Transliteration: Qaloo in hathani lasahirani yureedani an yukhrijakum min ardikum bisihrihima wayathhaba bitareeqatikumu almuthla

Translation: Bavuga bati: “Nta nkeka ko Musa na Haruna bompi ari abakonikoni bashaka kubomora mu gihugu canyu bakoresheje ubukonikoni, maze bazimanganye uburyo mwahora mukoresha mu kuroga;

20:64

فَأَجۡمِعُواْ كَيۡدَكُمۡ ثُمَّ ٱئۡتُواْ صَفّٗاۚ وَقَدۡ أَفۡلَحَ ٱلۡيَوۡمَ مَنِ ٱسۡتَعۡلَىٰ ﴿64﴾

Transliteration: FaajmiAAoo kaydakum thumma itoo saffan waqad aflaha alyawma mani istaAAla

Translation: Nimwegeranye rero inguvu z’urwenge rwanyu, hanyuma mwunge urunani rw’intamenwa, muze muri umugwi umwe, muheze mutererere hasi rimwe ibikoresho vy’ubukonikoni mufise mu minwe, kandi kuri uno musi uwushika ku ntsinzi, ni uwunesha uwundi”.

20:65

قَالُواْ يَٰمُوسَىٰٓ إِمَّآ أَن تُلۡقِيَ وَإِمَّآ أَن نَّكُونَ أَوَّلَ مَنۡ أَلۡقَىٰ ﴿65﴾

Transliteration: Qaloo ya moosa imma an tulqiya waimma an nakoona awwala man alqa

Translation: Ni ho rero ba bakonikoni bavuga bati: “Ewe Musa! Urashobora gutangura ugaterera hasi inkoni yawe, canke twebwe dutangure guterera hasi ivyo dufise”.

20:66

قَالَ بَلۡ أَلۡقُواْۖ فَإِذَا حِبَالُهُمۡ وَعِصِيُّهُمۡ يُخَيَّلُ إِلَيۡهِ مِن سِحۡرِهِمۡ أَنَّهَا تَسۡعَىٰ ﴿66﴾

Transliteration: Qala bal alqoo faitha hibaluhum waAAisiyyuhum yukhayyalu ilayhi min sihrihim annaha tasAAa

Translation: Musa yabishuye ati: “Ahubwo mwebwe nimutangure”. Ni ho rero baterera hasi imizana n’inkoni vyabo. Ku kubera nya bukonikoni bwabo, Musa yarahunitswe ku buryo abona ivyo batereye hasi nk’aho ari inzoka zigendagenda;

20:67

فَأَوۡجَسَ فِي نَفۡسِهِۦ خِيفَةٗ مُّوسَىٰ ﴿67﴾

Transliteration: Faawjasa fee nafsihi kheefatan moosa

Translation: Maze Musa atekerwa n’ubwoba;

20:68

قُلۡنَا لَا تَخَفۡ إِنَّكَ أَنتَ ٱلۡأَعۡلَىٰ ﴿68﴾

Transliteration: Qulna la takhaf innaka anta alaAAla

Translation: Ni ho Twebwe Allah Twabwira Musa Duti: “Ntugire ubwoba na gato, mu vy’ukuri ni wewe utegerezwa kubanesha;

20:69

وَأَلۡقِ مَا فِي يَمِينِكَ تَلۡقَفۡ مَا صَنَعُوٓاْۖ إِنَّمَا صَنَعُواْ كَيۡدُ سَٰحِرٖۖ وَلَا يُفۡلِحُ ٱلسَّاحِرُ حَيۡثُ أَتَىٰ ﴿69﴾

Transliteration: Waalqi ma fee yameenika talqaf ma sanaAAoo innama sanaAAoo kaydu sahirin wala yuflihu alssahiru haythu ata

Translation: Terera hasi iyo nkoni ufise mu kuboko kwawe kw’iburyo, iraheza imiragure imizana n’inkoni batereye hasi; mu vy’ukuri ivyo batereye hasi, nta kirimwo kiretse ko ari urwenge rwo guhunika abantu, kandi umukonikoni aho azanana hose ntashobora gushika ku ntsinzi”.

20:70

فَأُلۡقِيَ ٱلسَّحَرَةُ سُجَّدٗا قَالُوٓاْ ءَامَنَّا بِرَبِّ هَٰرُونَ وَمُوسَىٰ ﴿70﴾

Transliteration: Faolqiya alssaharatu sujjadan qaloo amanna birabbi haroona wamoosa

Translation: Ni ho rero Musa yaterera nya nkoni hasi, ya nkoni ica iramiragura nya mizana n’inkoni vya ba bakonikoni, gutyo aba aratsinze. Ba bakonikoni baciye bubama, maze bavuga bati: “Twemeye Imana Rurema ya Musa na Haruna, kuko ivyo twiboneye n’amaso, si ubukonikoni namba”.

20:71

قَالَ ءَامَنتُمۡ لَهُۥ قَبۡلَ أَنۡ ءَاذَنَ لَكُمۡۖ إِنَّهُۥ لَكَبِيرُكُمُ ٱلَّذِي عَلَّمَكُمُ ٱلسِّحۡرَۖ فَلَأُقَطِّعَنَّ أَيۡدِيَكُمۡ وَأَرۡجُلَكُم مِّنۡ خِلَٰفٖ وَلَأُصَلِّبَنَّكُمۡ فِي جُذُوعِ ٱلنَّخۡلِ وَلَتَعۡلَمُنَّ أَيُّنَآ أَشَدُّ عَذَابٗا وَأَبۡقَىٰ ﴿71﴾

Transliteration: Qala amantum lahu qabla an athana lakum innahu lakabeerukumu allathee AAallamakumu alssihra falaoqattiAAanna aydiyakum waarjulakum min khilafin walaosallibannakum fee juthooAAi alnnakhli walataAAlamunna ayyuna ashaddu AAathaban waabqa

Translation: Firawuni yaciye abwira ba bakonikoni n’ishavu n’akantu, ati: “Ubu nyene murubahutse koko muremera Musa muranamukurikira imbere yuko ndabibarekurira! Mu vy’ukuri, biragaragaye ko Musa ari we mukuru wanyu yabigishije ubukonikoni! Kubera ivyo rero, ntegerezwa gucagagura amaboko n’amaguru yanyu binyuranije[4]; ntegerezwa no kubabamba ku bishitsi vy’itende, nta nkeka rero ko muheza mukamenya uwuhasha mu guhana mu buryo bwamaho, ko ari jewe canke Imana ya Musa”.

20:72

قَالُواْ لَن نُّؤۡثِرَكَ عَلَىٰ مَا جَآءَنَا مِنَ ٱلۡبَيِّنَٰتِ وَٱلَّذِي فَطَرَنَاۖ فَٱقۡضِ مَآ أَنتَ قَاضٍۖ إِنَّمَا تَقۡضِي هَٰذِهِ ٱلۡحَيَوٰةَ ٱلدُّنۡيَآ ﴿72﴾

Transliteration: Qaloo lan nuthiraka AAala ma jaana mina albayyinati waallathee fatarana faiqdi ma anta qadin innama taqdee hathihi alhayata alddunya

Translation: Ba bakonikoni baca babwira Firawuni bati: “Ntidushobora guhitamwo kugukurikira ngo tureke kwemera ivyemezo vyerekana ukuri kwa Musa no kwemera Imana Allah Yaturemye. Gira ivyo wipfuza mu kuduhana, mu vy’ukuri wewe ububasha bwawe udufiseko, ni ubwo mu buzima bwo kw’isi, ibihano vyawe biherera ng’aha kw’isi;

20:73

إِنَّآ ءَامَنَّا بِرَبِّنَا لِيَغۡفِرَ لَنَا خَطَٰيَٰنَا وَمَآ أَكۡرَهۡتَنَا عَلَيۡهِ مِنَ ٱلسِّحۡرِۗ وَٱللَّهُ خَيۡرٞ وَأَبۡقَىٰٓ ﴿73﴾

Transliteration: Inna amanna birabbina liyaghfira lana khatayana wama akrahtana AAalayhi mina alssihri waAllahu khayrun waabqa

Translation: Mu vy’ukuri, twebwe twemeye Imana yacu Rurema Allah n’Intumwa Musa, twubahirije n’amabwirizwa yayo, kugira Itubabarire ivyaha vyacu n’ibicumuro vy’ubukonikoni waduhatiyeko gukora mu guhakana Musa. Burya Imana Allah, ni Yo Nyenindishi nziza kugusumba, Nyenibihano vyamaho ku bigaba;

20:74

إِنَّهُۥ مَن يَأۡتِ رَبَّهُۥ مُجۡرِمٗا فَإِنَّ لَهُۥ جَهَنَّمَ لَا يَمُوتُ فِيهَا وَلَا يَحۡيَىٰ ﴿74﴾

Transliteration: Innahu man yati rabbahu mujriman fainna lahu jahannama la yamootu feeha wala yahya

Translation: Kukaba nkako, uwuzoza ku Mana yiwe Rurema Allah yarayigararije, azosanga yategekenirijwe ibihano mu muriro wa Jahannamu, ntazopfa muri nya muriro ngo awuruhuke, eka ntazonawubamwo ubuzima buhimbaye;

20:75

وَمَن يَأۡتِهِۦ مُؤۡمِنٗا قَدۡ عَمِلَ ٱلصَّـٰلِحَٰتِ فَأُوْلَـٰٓئِكَ لَهُمُ ٱلدَّرَجَٰتُ ٱلۡعُلَىٰ ﴿75﴾

Transliteration: Waman yatihi muminan qad AAamila alssalihati faolaika lahumu alddarajatu alAAula

Translation: Nayo uwuzoza ku Mana yiwe Rurema Allah yarayemeye, akaba yaranakoze n’ibikorwa vyiza bitegetswe, azoba ari mu bategekanirijwe ivyubahiro vyo hejuru;

20:76

جَنَّـٰتُ عَدۡنٖ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهَا ٱلۡأَنۡهَٰرُ خَٰلِدِينَ فِيهَاۚ وَذَٰلِكَ جَزَآءُ مَن تَزَكَّىٰ ﴿76﴾

Transliteration: Jannatu AAadnin tajree min tahtiha alanharu khalideena feeha wathalika jazao man tazakka

Translation: Imirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru rya “Adeni”, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi, bazobubamwo ibihe bidahera, iyo ni na yo ndishi rero y’uwejeje umutima wiwe, akiyegereza Imana Allah mu vyo akora vyose akanayisenga atayibangikanya gushika gupfa”.

20:77

وَلَقَدۡ أَوۡحَيۡنَآ إِلَىٰ مُوسَىٰٓ أَنۡ أَسۡرِ بِعِبَادِي فَٱضۡرِبۡ لَهُمۡ طَرِيقٗا فِي ٱلۡبَحۡرِ يَبَسٗا لَّا تَخَٰفُ دَرَكٗا وَلَا تَخۡشَىٰ ﴿77﴾

Transliteration: Walaqad awhayna ila moosa an asri biAAibadee faidrib lahum tareeqan fee albahri yabasan la takhafu darakan wala takhsha

Translation: Ni ukuri Twebwe Allah, Twarahishuriye Musa Tumubwira Duti: “Kinjura muri iri joro, ugende ujanye abaja banje muri Bene Israyeli ubakure muri Misiri, maze ubacire inzira yumutse mw’ibahari, ntutinye na gato ko Firawuni n’ingabo ziwe bohava bagufata, eka ntunatinye ko wotwarwa ugasoma nturi”.

20:78

فَأَتۡبَعَهُمۡ فِرۡعَوۡنُ بِجُنُودِهِۦ فَغَشِيَهُم مِّنَ ٱلۡيَمِّ مَا غَشِيَهُمۡ ﴿78﴾

Transliteration: FaatbaAAahum firAAawnu bijunoodihi faghashiyahum mina alyammi ma ghashiyahum

Translation: Ni ho rero Musa yajana Bene Israyeli mw’ijoro, abacira inzira yumutse mw’ibahari, maze Firawuni amuja mu nyuma ari kumwe n’ingabo ziwe, baraheza batwarwa n’ibahari ku rugero ruzwi gusa n’Imana Allah, maze barasoma nturi bose, Musa n’abo bari kumwe baraheza barajabuka amahoro.

20:79

وَأَضَلَّ فِرۡعَوۡنُ قَوۡمَهُۥ وَمَا هَدَىٰ ﴿79﴾

Transliteration: Waadalla firAAawnu qawmahu wama hada

Translation: Firawuni yarahubishije abantu biwe mu kubaryohereza ubugarariji, eka ntiyanabarongoye namba mu nzira igororotse.

20:80

يَٰبَنِيٓ إِسۡرَـٰٓءِيلَ قَدۡ أَنجَيۡنَٰكُم مِّنۡ عَدُوِّكُمۡ وَوَٰعَدۡنَٰكُمۡ جَانِبَ ٱلطُّورِ ٱلۡأَيۡمَنَ وَنَزَّلۡنَا عَلَيۡكُمُ ٱلۡمَنَّ وَٱلسَّلۡوَىٰ ﴿80﴾

Transliteration: Ya banee israeela qad anjaynakum min AAaduwwikum wawaAAadnakum janiba alttoori alaymana wanazzalna AAalaykumu almanna waalssalwa

Translation: Emwe Bene Israyeli! Ni ukuri, nimwibuke igihe Twebwe Allah Tubakura kw’izosi umwansi wanyu Firawuni, Tukabaha n’isango ryo kubamanurira Tawurati amaja iburyo bw’akabande “Twuwa”, Tukabamanurira “Manna[5]” hamwe na “Salwa[6]” mufungura igihe mwari mu bihano vyo kwangazwa.

20:81

كُلُواْ مِن طَيِّبَٰتِ مَا رَزَقۡنَٰكُمۡ وَلَا تَطۡغَوۡاْ فِيهِ فَيَحِلَّ عَلَيۡكُمۡ غَضَبِيۖ وَمَن يَحۡلِلۡ عَلَيۡهِ غَضَبِي فَقَدۡ هَوَىٰ ﴿81﴾

Transliteration: Kuloo min tayyibati ma razaqnakum wala tatghaw feehi fayahilla AAalaykum ghadabee waman yahlil AAalayhi ghadabee faqad hawa

Translation: Nimurye rero mu vyiza birekuwe Twabaronkeje, kandi ntimuzokwirenganye mu gutandukira ibitarekuwe, mwohava mushikirwa n’ishavu ryanje Jewe Allah, kandi uwushikiwe n’ishavu ryanje, ni ukuri aba ahonye, ahomvye n’uruhombo nya ruhombo.

20:82

وَإِنِّي لَغَفَّارٞ لِّمَن تَابَ وَءَامَنَ وَعَمِلَ صَٰلِحٗا ثُمَّ ٱهۡتَدَىٰ ﴿82﴾

Transliteration: Wainnee laghaffarun liman taba waamana waAAamila salihan thumma ihtada

Translation: Mu vy’ukuri Jewe Allah, Ndi Nyenimbabazinyinshi ku wigaye ivyaha, agaheza akanyemera agakora n’ivyiza bitegetswe, hanyuma agatumbera inzira igororotse gushika gupfa.

20:83

وَمَآ أَعۡجَلَكَ عَن قَوۡمِكَ يَٰمُوسَىٰ ﴿83﴾

Transliteration: Wama aAAjalaka AAan qawmika ya moosa

Translation: Mbega Musa! Ni igiki catumye usiga abantu bawe inyuma, ukihutira kuza mu kabande ka “Twuwa”?

20:84

قَالَ هُمۡ أُوْلَآءِ عَلَىٰٓ أَثَرِي وَعَجِلۡتُ إِلَيۡكَ رَبِّ لِتَرۡضَىٰ ﴿84﴾

Transliteration: Qala hum olai AAala atharee waAAajiltu ilayka rabbi litarda

Translation: Musa yishuye Imana Allah ati: “Abantu banje bari inyuma yanje baraje. Nayo jewe nihutiye kuza iwawe Mana yanje Rurema Allah, kugira ndagushimishe”.

20:85

قَالَ فَإِنَّا قَدۡ فَتَنَّا قَوۡمَكَ مِنۢ بَعۡدِكَ وَأَضَلَّهُمُ ٱلسَّامِرِيُّ ﴿85﴾

Transliteration: Qala fainna qad fatanna qawmaka min baAAdika waadallahumu alssamiriyyu

Translation: Imana Allah Yabwiye Musa Iti: “Mu vy’ukuri rero, Twebwe Allah mu nyuma zawe Twagerageje abantu bawe mu gusenga inyana y’inka, uwabahubishije akaba ari Saamiriy[7]”.

20:86

فَرَجَعَ مُوسَىٰٓ إِلَىٰ قَوۡمِهِۦ غَضۡبَٰنَ أَسِفٗاۚ قَالَ يَٰقَوۡمِ أَلَمۡ يَعِدۡكُمۡ رَبُّكُمۡ وَعۡدًا حَسَنًاۚ أَفَطَالَ عَلَيۡكُمُ ٱلۡعَهۡدُ أَمۡ أَرَدتُّمۡ أَن يَحِلَّ عَلَيۡكُمۡ غَضَبٞ مِّن رَّبِّكُمۡ فَأَخۡلَفۡتُم مَّوۡعِدِي ﴿86﴾

Transliteration: FarajaAAa moosa ila qawmihi ghadbana asifan qala ya qawmi alam yaAAidkum rabbukum waAAdan hasanan afatala AAalaykumu alAAahdu am aradtum an yahilla AAalaykum ghadabun min rabbikum faakhlaftum mawAAidee

Translation: Ni ho rero Musa yasubira inyuma ku bantu biwe ishavu riniga, atuntujwe n’ivyo bakoze, araheza ababwira ati: “Bantu banje! Imana yanyu Rurema Allah, ntiyabahaye isango ryiza ryo kubamanurira Tawurati, mwoba mwabonye ko nya sango riri kure, canke mwashatse ko Imana yanyu Rurema Allah Ibashavurira, muraheza muhitamwo guca kubiri n’isezerano ryanje, muca musenga inyana y’inka!”.

20:87

قَالُواْ مَآ أَخۡلَفۡنَا مَوۡعِدَكَ بِمَلۡكِنَا وَلَٰكِنَّا حُمِّلۡنَآ أَوۡزَارٗا مِّن زِينَةِ ٱلۡقَوۡمِ فَقَذَفۡنَٰهَا فَكَذَٰلِكَ أَلۡقَى ٱلسَّامِرِيُّ ﴿87﴾

Transliteration: Qaloo ma akhlafna mawAAidaka bimalkina walakinna hummilna awzaran min zeenati alqawmi faqathafnaha fakathalika alqa alssamiriyyu

Translation: Abantu ba Musa bamwishuye bati: “Ntitwaciye kubiri n’isezerano ryawe tubishaka, ariko twakorewe ivyaha vy’ibisharizo vy’abantu ba Firawuni bihinguwe mu nzahabu[8], maze dutegekwa na Saamiriy guterera nya nzahabu mu kinogo c’umuriro ngo tugirirwe ikigongwe n’Imana Allah, ni nk’ukwo nyene rero Saamiriy yataye muri nya kinogo urushi rw’ivu ry’aho ifarasi ya Jibrili (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yahonyoje ikinono”.

20:88

فَأَخۡرَجَ لَهُمۡ عِجۡلٗا جَسَدٗا لَّهُۥ خُوَارٞ فَقَالُواْ هَٰذَآ إِلَٰهُكُمۡ وَإِلَٰهُ مُوسَىٰ فَنَسِيَ ﴿88﴾

Transliteration: Faakhraja lahum AAijlan jasadan lahu khuwarun faqaloo hatha ilahukum wailahu moosa fanasiya

Translation: Ni ukwo rero Saamiriy yabumbiye Bene Israyeli muri nya nzahabu igishusho c’inyana y’inka kimoka nk’inka. Saamiriy n’abamukurikiye babwiye abantu ba Musa bati: “Iyi, ni yo mana yanyu, ikaba n’imana ya Musa, Musa yasamaye ayisiga ng’aha!”.

20:89

أَفَلَا يَرَوۡنَ أَلَّا يَرۡجِعُ إِلَيۡهِمۡ قَوۡلٗا وَلَا يَمۡلِكُ لَهُمۡ ضَرّٗا وَلَا نَفۡعٗا ﴿89﴾

Transliteration: Afala yarawna alla yarjiAAu ilayhim qawlan wala yamliku lahum darran wala nafAAan

Translation: Mbega abasenze igishusho c’inyana y’inka, ntibabona ko nya gishusho kitari gishoboye kubavugisha, canke ngo kibishure ivyo bakibajije, canke ko ata n’ico cobungura canke ngo kibicire!

20:90

وَلَقَدۡ قَالَ لَهُمۡ هَٰرُونُ مِن قَبۡلُ يَٰقَوۡمِ إِنَّمَا فُتِنتُم بِهِۦۖ وَإِنَّ رَبَّكُمُ ٱلرَّحۡمَٰنُ فَٱتَّبِعُونِي وَأَطِيعُوٓاْ أَمۡرِي ﴿90﴾

Transliteration: Walaqad qala lahum haroonu min qablu ya qawmi innama futintum bihi wainna rabbakumu alrrahmanu faittabiAAoonee waateeAAoo amree

Translation: Ni ukuri, Haruna yarabwiye Bene Israyeli imbere yuko Musa agaruka kubaraba, ati: “Emwe bantu banje! Mu vy’ukuri, mwageragejwe mu gusenga iki gishusho c'inyana y’inka, kugira hamenyekane umwemeramana canke umugarariji muri mwebwe! Mu vy’ukuri Imana yanyu Rurema Allah, ni Yo Nyenimbabazi ku batoni bayo, enda nyabuna rero, nimunkurikire mu vyo ndabararikira, maze munyumvire mu gusenga Imana Imwe Rudende Allah”.

20:91

قَالُواْ لَن نَّبۡرَحَ عَلَيۡهِ عَٰكِفِينَ حَتَّىٰ يَرۡجِعَ إِلَيۡنَا مُوسَىٰ ﴿91﴾

Transliteration: Qaloo lan nabraha AAalayhi AAakifeena hatta yarjiAAa ilayna moosa

Translation: Bene Israyeli bishuye Haruna bati: “Ntiturota tureka gusenga igishusho c'inyana y’inka gushika Musa agarutse aha turi”.

20:92

قَالَ يَٰهَٰرُونُ مَا مَنَعَكَ إِذۡ رَأَيۡتَهُمۡ ضَلُّوٓاْ ﴿92﴾

Transliteration: Qala ya haroonu ma manaAAaka ith raaytahum dalloo

Translation: Musa amaze kugaruka, yabwiye murumunawe Haruna, ati: “Igihe wabona ko bahuvye, ni igiki cagutumye ugumana na bo;

20:93

أَلَّا تَتَّبِعَنِۖ أَفَعَصَيۡتَ أَمۡرِي ﴿93﴾

Transliteration: Alla tattabiAAani afaAAasayta amree

Translation: Ukareka kunkurikira? Warenze n'ibigirankana kw’itegeko ryo kunsigarira mu kibanza c’ubuhanuzi”.

20:94

قَالَ يَبۡنَؤُمَّ لَا تَأۡخُذۡ بِلِحۡيَتِي وَلَا بِرَأۡسِيٓۖ إِنِّي خَشِيتُ أَن تَقُولَ فَرَّقۡتَ بَيۡنَ بَنِيٓ إِسۡرَـٰٓءِيلَ وَلَمۡ تَرۡقُبۡ قَوۡلِي ﴿94﴾

Transliteration: Qala ya bna omma la takhuth bilihyatee wala birasee innee khasheetu an taqoola farraqta bayna banee israeela walam tarqub qawlee

Translation: Ni ho Musa yafata murumunawe Haruna mu kanigo, maze amukwega ubwanwa n’umushatsi, Haruna aca amubwira ati: “Mwana wa mama! Reka kunkwega ubwanwa n’umushatsi; ni ukuri, jewe natinye ko mu gihe nogukurikira wombwira uti: “Bene Israyeli wabaciyemwo imigwi, ntiwaheza ngo wubahirize impanuro naguhaye yo kubacungera!””.

20:95

قَالَ فَمَا خَطۡبُكَ يَٰسَٰمِرِيُّ ﴿95﴾

Transliteration: Qala fama khatbuka ya samiriyyu

Translation: Musa yabajije Saamiriy ati: “Mbega Saamiriy! Wafashwe n’igiki catumye ugira ivyo wagize?”.

20:96

قَالَ بَصُرۡتُ بِمَا لَمۡ يَبۡصُرُواْ بِهِۦ فَقَبَضۡتُ قَبۡضَةٗ مِّنۡ أَثَرِ ٱلرَّسُولِ فَنَبَذۡتُهَا وَكَذَٰلِكَ سَوَّلَتۡ لِي نَفۡسِي ﴿96﴾

Transliteration: Qala basurtu bima lam yabsuroo bihi faqabadtu qabdatan min athari alrrasooli fanabathtuha wakathalika sawwalat lee nafsee

Translation: Saamiriy yishuye Musa yiregura, ati: “Tumaze kujabuka ibahari, inyuma y’aho Firawuni n’ingabo ziwe basomeye nturi, nabonye ivyo batabonye; nabonye Jibrili ari kw’ifarasi, maze nca mfata urushi rw’ivu ry’aho ifarasi yiwe yahonyoje ikinono, iryo vu rero ni ryo natereye ku nzahabu zayongejwe mu kinogo c’umuriro, ndaheza mbumba igishusho c’inyana y’inka, kimoka nk’inka. Ukwo ni kwo nohejwe n’umutima wanje mubi”.

20:97

قَالَ فَٱذۡهَبۡ فَإِنَّ لَكَ فِي ٱلۡحَيَوٰةِ أَن تَقُولَ لَا مِسَاسَۖ وَإِنَّ لَكَ مَوۡعِدٗا لَّن تُخۡلَفَهُۥۖ وَٱنظُرۡ إِلَىٰٓ إِلَٰهِكَ ٱلَّذِي ظَلۡتَ عَلَيۡهِ عَاكِفٗاۖ لَّنُحَرِّقَنَّهُۥ ثُمَّ لَنَنسِفَنَّهُۥ فِي ٱلۡيَمِّ نَسۡفًا ﴿97﴾

Transliteration: Qala faithhab fainna laka fee alhayati an taqoola la misasa wainna laka mawAAidan lan tukhlafahu waonthur ila ilahika allathee thalta AAalayhi AAakifan lanuharriqannahu thumma lanansifannahu fee alyammi nasfan

Translation: Musa yabwiye Saamiriy ati: “Va mu bandi rero ugende, mu vy’ukuri wewe, uzobaho uri igicibwa mu bantu, ubwira uwo muhuye wese uti: “Nta we nkorako, ntihagire n’uwunkorako!”. Kandi ni ukuri, urafise isango ntarengwa wagenewe ryo guhanwa mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Ehe raba n’iherezo ry’imana yawe washishikaye gusenga, ni ukuri dutegerezwa kuyiturira, hanyuma tunyanyagize umunyota wayo mu ruzi, maze ntihagire n’udusigarira twayo dusigara.

20:98

إِنَّمَآ إِلَٰهُكُمُ ٱللَّهُ ٱلَّذِي لَآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَۚ وَسِعَ كُلَّ شَيۡءٍ عِلۡمٗا ﴿98﴾

Transliteration: Innama ilahukumu Allahu allathee la ilaha illa huwa wasiAAa kulla shayin AAilman

Translation: Bantu! Mu vy’ukuri Imana yanyu ni Allah, nta yindi mana ibwirijwe gusengwa atari Yo, ubumenyi bwayo bukikuje ikintu ico ari co cose.

20:99

كَذَٰلِكَ نَقُصُّ عَلَيۡكَ مِنۡ أَنۢبَآءِ مَا قَدۡ سَبَقَۚ وَقَدۡ ءَاتَيۡنَٰكَ مِن لَّدُنَّا ذِكۡرٗا ﴿99﴾

Transliteration: Kathalika naqussu AAalayka min anbai ma qad sabaqa waqad ataynaka min ladunna thikran

Translation: Ntumwa y’Imana! Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twakwiganiye inkuru zo muri kahise ka Musa na Firawuni hamwe n’abantu babo - Tukwiganira n’inkuru yo muri kahise k’ab’aho hambere yawe. Ni ukuri Twebwe Allah, Twaranaguhaye Qor’ani kugira ibe urwibutso ku bibuka bakikebuka.

20:100

مَّنۡ أَعۡرَضَ عَنۡهُ فَإِنَّهُۥ يَحۡمِلُ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ وِزۡرًا ﴿100﴾

Transliteration: Man aAArada AAanhu fainnahu yahmilu yawma alqiyamati wizran

Translation: Uwuzokwirengagiza rero iyi Qor’ani, ntaheze ngo ayemere anayigendere, mu vy’ukuri, azoza ku musi w’izuka yiremetse umutwaro w’ivyaha amahanga;

20:101

خَٰلِدِينَ فِيهِۖ وَسَآءَ لَهُمۡ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ حِمۡلٗا ﴿101﴾

Transliteration: Khalideena feehi wasaa lahum yawma alqiyamati himlan

Translation: Ari mu bazokwama mu bihano ibihe bidahera; kuri nya musi w’izuka, bazokwiremeka umutwaro mubi cane w’ivyaha;

20:102

يَوۡمَ يُنفَخُ فِي ٱلصُّورِۚ وَنَحۡشُرُ ٱلۡمُجۡرِمِينَ يَوۡمَئِذٖ زُرۡقٗا ﴿102﴾

Transliteration: Yawma yunfakhu fee alssoori wanahshuru almujrimeena yawmaithin zurqan

Translation: Umusi havugijwe inzamba igira kabiri y’izuka ry’ibiremwa, maze Tugashorera abagarariji kuri nya musi birabura, amaso na yo yatukuye kubera intureka z’uwo musi;

20:103

يَتَخَٰفَتُونَ بَيۡنَهُمۡ إِن لَّبِثۡتُمۡ إِلَّا عَشۡرٗا ﴿103﴾

Transliteration: Yatakhafatoona baynahum in labithtum illa AAashran

Translation: Bongorerana hagati yabo bati: “Ntimwabaye kw’isi kiretse imisi cumi gusa”.

20:104

نَّحۡنُ أَعۡلَمُ بِمَا يَقُولُونَ إِذۡ يَقُولُ أَمۡثَلُهُمۡ طَرِيقَةً إِن لَّبِثۡتُمۡ إِلَّا يَوۡمٗا ﴿104﴾

Transliteration: Nahnu aAAlamu bima yaqooloona ith yaqoolu amthaluhum tareeqatan in labithtum illa yawman

Translation: Twebwe Allah, Turazi neza ivyo bazovuga bongorerana igihe uwutahura muri bo gusumba abandi azovuga ati: “Ntimwabaye kw’isi kiretse umusi umwe gusa”, mu kwerekana ko ubuzima bwo kw’isi ari bugufi cane ugereranije n’ubuzima bw’inyuma yo gupfa.

20:105

وَيَسۡـَٔلُونَكَ عَنِ ٱلۡجِبَالِ فَقُلۡ يَنسِفُهَا رَبِّي نَسۡفٗا ﴿105﴾

Transliteration: Wayasaloonaka AAani aljibali faqul yansifuha rabbee nasfan

Translation: Ntumwa y’Imana! Abantu warungitsweko barakubaza ku vyerekeye impera n’imperuka y’imisozi! Bishure uti: “Imana yanje Rurema Allah Izoyivungagura, Iyisanze;

20:106

فَيَذَرُهَا قَاعٗا صَفۡصَفٗا ﴿106﴾

Transliteration: Fayatharuha qaAAan safsafan

Translation: Maze Isige isi iringaniye, inyerera nk’ibuye ry’isare, ata kinyabuzima na kimwe kiriko;

20:107

لَّا تَرَىٰ فِيهَا عِوَجٗا وَلَآ أَمۡتٗا ﴿107﴾

Transliteration: La tara feeha AAiwajan wala amtan

Translation: Nta na hamwe kuri nya si, uzobona hagoramye, eka nta n’aho uzobona hatareha n’ahandi”.

20:108

يَوۡمَئِذٖ يَتَّبِعُونَ ٱلدَّاعِيَ لَا عِوَجَ لَهُۥۖ وَخَشَعَتِ ٱلۡأَصۡوَاتُ لِلرَّحۡمَٰنِ فَلَا تَسۡمَعُ إِلَّا هَمۡسٗا ﴿108﴾

Transliteration: Yawmaithin yattabiAAoona alddaAAiya la AAiwaja lahu wakhashaAAati alaswatu lilrrahmani fala tasmaAAu illa hamsan

Translation: Kuri uwo musi, abantu bazokurikira ijwi ry’umuraritsi ararikira ibiremwa kuja kw’iyegeranirizo ry’ibiremwa; nta kiremwa na kimwe kitazokwumva iryo rarika, amajwi yose azoceceka ku kwicisha bugufi kuri Nyenimpuhwe Allah, nta co uzokwumva kiretse ubwongoshwe gusa.

20:109

يَوۡمَئِذٖ لَّا تَنفَعُ ٱلشَّفَٰعَةُ إِلَّا مَنۡ أَذِنَ لَهُ ٱلرَّحۡمَٰنُ وَرَضِيَ لَهُۥ قَوۡلٗا ﴿109﴾

Transliteration: Yawmaithin la tanfaAAu alshshafaAAatu illa man athina lahu alrrahmanu waradiya lahu qawlan

Translation: Kuri uwo musi, ivugira ry’umuntu ku caha yakoze, nta co rizoba rimaze kiretse ivugira ry’uwahawe uburenganzira na Nyenimpuhwe Allah, maze Agashima ivugira ryiwe[397].

20:110

يَعۡلَمُ مَا بَيۡنَ أَيۡدِيهِمۡ وَمَا خَلۡفَهُمۡ وَلَا يُحِيطُونَ بِهِۦ عِلۡمٗا ﴿110﴾

Transliteration: YaAAlamu ma bayna aydeehim wama khalfahum wala yuheetoona bihi AAilman

Translation: Imana Allah Irazi neza inkuru z’ibiremwa vyose, kahise na kubu mu buzima bwo kw’isi, na kazoza kavyo mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Nta n’umwe rero mu biremwa ashoboye guhetura ubumenyi bw’Imana Allah n’ukuntu Iteye.

20:111

وَعَنَتِ ٱلۡوُجُوهُ لِلۡحَيِّ ٱلۡقَيُّومِۖ وَقَدۡ خَابَ مَنۡ حَمَلَ ظُلۡمٗا ﴿111﴾

Transliteration: WaAAanati alwujoohu lilhayyi alqayyoomi waqad khaba man hamala thulman

Translation: Ibiremwa bizokwicisha bugufi kuri Nyenubugingo budashira nk’uko buyikwiye, Umuhagarikizi w’ibiremwa Yikwije muri vyose. Ni ukuri kuri uwo musi, uwiremetse irenganya ry’ibangikanyamana azohahombera koko.

20:112

وَمَن يَعۡمَلۡ مِنَ ٱلصَّـٰلِحَٰتِ وَهُوَ مُؤۡمِنٞ فَلَا يَخَافُ ظُلۡمٗا وَلَا هَضۡمٗا ﴿112﴾

Transliteration: Waman yaAAmal mina alssalihati wahuwa muminun fala yakhafu thulman wala hadman

Translation: Uwo wese rero akoze ibikorwa vyiza bitegetswe, yemera Imana Allah, uyo nta mpungenge kuri we, ntatinye ko yorenganywa mu kwongererezwa ivyaha, eka ntanatinye ko yonagabanirizwa mu ndishi.

20:113

وَكَذَٰلِكَ أَنزَلۡنَٰهُ قُرۡءَانًا عَرَبِيّٗا وَصَرَّفۡنَا فِيهِ مِنَ ٱلۡوَعِيدِ لَعَلَّهُمۡ يَتَّقُونَ أَوۡ يُحۡدِثُ لَهُمۡ ذِكۡرٗا ﴿113﴾

Transliteration: Wakathalika anzalnahu quranan AAarabiyyan wasarrafna feehi mina alwaAAeedi laAAallahum yattaqoona aw yuhdithu lahum thikran

Translation: Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twakundishije abemeramana gukora ivyiza Tukihaniza abagarariji kuguma mu bugaba n’ubuhakanyi - Twamanuye Qor’ani mu rurimi rw’icarabu kugira abantu bayitahure, Twaranatomoye bikwiye muri Qor’ani uburyo butandukanye bwo kwihaniza kugira batinye mu kwubahiriza amabwiriza y'Imana Allah, canke nya Qor’ani itume bibuka baheze bikebuke.

20:114

فَتَعَٰلَى ٱللَّهُ ٱلۡمَلِكُ ٱلۡحَقُّۗ وَلَا تَعۡجَلۡ بِٱلۡقُرۡءَانِ مِن قَبۡلِ أَن يُقۡضَىٰٓ إِلَيۡكَ وَحۡيُهُۥۖ وَقُل رَّبِّ زِدۡنِي عِلۡمٗا ﴿114﴾

Transliteration: FataAAala Allahu almaliku alhaqqu wala taAAjal bialqurani min qabli an yuqda ilayka wahyuhu waqul rabbi zidnee AAilman

Translation: Nihahabwe icubahiro nta ngere Imana Allah, Umwami Aganza vyose, Nyakuri[398]. Ntumwa y’Imana! Ntukihutire rero gusubiramwo Qor’ani mu gihe co kuyihishurirwa imbere yuko Jibrili aheraheza gusoma; ha kwihutira kuyisubiramwo, uraheza uvuge uti: “Mana yanje Rurema Allah! Ndagusavye Unyongerereze ubumenyi ku bwo Wampaye”.

20:115

وَلَقَدۡ عَهِدۡنَآ إِلَىٰٓ ءَادَمَ مِن قَبۡلُ فَنَسِيَ وَلَمۡ نَجِدۡ لَهُۥ عَزۡمٗا ﴿115﴾

Transliteration: Walaqad AAahidna ila adama min qablu fanasiya walam najid lahu AAazman

Translation: Ni ukuri Twebwe Allah, Twarahanuye Adamu imbere yuko afungura ku camwa, ko atohirahira ngo agifungureko, maze aribagira igihe yoshwa na Ibilisi, nta n’ishaka Twasanze afise ryo kwubahiriza ibwirizwa Twamuhaye.

20:116

وَإِذۡ قُلۡنَا لِلۡمَلَـٰٓئِكَةِ ٱسۡجُدُواْ لِأٓدَمَ فَسَجَدُوٓاْ إِلَّآ إِبۡلِيسَ أَبَىٰ ﴿116﴾

Transliteration: Waith qulna lilmalaikati osjudoo liadama fasajadoo illa ibleesa aba

Translation: Ntumwa y’Imana! Ibuka n’igihe Twebwe Allah, Twabwiriza abamalayika hamwe na Ibilisi Duti: “Nimwubamire Adamu mumuhe icubahiro kimukwiye”; abamalayika baraheza baragamburuka barubama, kiretse Ibilisi yanse kumwubamira.

20:117

فَقُلۡنَا يَـٰٓـَٔادَمُ إِنَّ هَٰذَا عَدُوّٞ لَّكَ وَلِزَوۡجِكَ فَلَا يُخۡرِجَنَّكُمَا مِنَ ٱلۡجَنَّةِ فَتَشۡقَىٰٓ ﴿117﴾

Transliteration: Faqulna ya adamu inna hatha AAaduwwun laka walizawjika fala yukhrijannakuma mina aljannati fatashqa

Translation: Ni ho rero Twavuga Duti: “Ewe Adamu! Mu vy’ukuri uyo Ibilisi, ni umwansi wawe, wewe hamwe n’umukenyezi wawe Hawa, muramwiyubara rero ntimuzomwumvire namba, ngo ahave abakura mu Bwami bw’ijuru, aho uzocumukura uramutse ubuvuyemwo.

20:118

إِنَّ لَكَ أَلَّا تَجُوعَ فِيهَا وَلَا تَعۡرَىٰ ﴿118﴾

Transliteration: Inna laka alla tajooAAa feeha wala taAAra

Translation: Ewe Adamu! Muri ubu Bwami bw’ijuru uzobaho uhiriwe; uzofungura, inzara uzobaza; uzokwambara ku buryo ubwambure bwawe butazogaragara;

20:119

وَأَنَّكَ لَا تَظۡمَؤُاْ فِيهَا وَلَا تَضۡحَىٰ ﴿119﴾

Transliteration: Waannaka la tathmao feeha wala tadha

Translation: Ntuzonanyoterwa muri nya Bwami, eka ntuzokwigera wicwa n’ubushuhe bw’izuba”.

20:120

فَوَسۡوَسَ إِلَيۡهِ ٱلشَّيۡطَٰنُ قَالَ يَـٰٓـَٔادَمُ هَلۡ أَدُلُّكَ عَلَىٰ شَجَرَةِ ٱلۡخُلۡدِ وَمُلۡكٖ لَّا يَبۡلَىٰ ﴿120﴾

Transliteration: Fawaswasa ilayhi alshshaytanu qala ya adamu hal adulluka AAala shajarati alkhuldi wamulkin la yabla

Translation: Shetani yaroheje Adamu, maze imubwira iti: “Ewe Adamu! Mbega ndakwereke igiti mu gihe wogifungurako, wobaho ubutagipfa, ukaronka n’ubwami budahera?”.

20:121

فَأَكَلَا مِنۡهَا فَبَدَتۡ لَهُمَا سَوۡءَٰتُهُمَا وَطَفِقَا يَخۡصِفَانِ عَلَيۡهِمَا مِن وَرَقِ ٱلۡجَنَّةِۚ وَعَصَىٰٓ ءَادَمُ رَبَّهُۥ فَغَوَىٰ ﴿121﴾

Transliteration: Faakala minha fabadat lahuma sawatuhuma watafiqa yakhsifani AAalayhima min waraqi aljannati waAAasa adamu rabbahu faghawa

Translation: Ni ho rero Adamu na Hawa bafungura kuri nya giti babuzwa n’Imana Allah kugifungurako, ubwambure bwabo buca buragaragara, babona bambaye ubusa, baca batangura gukorora amababi y’ibiti vyo mu Bwami bw’ijuru ngo bapfuke ubwambure bwabo bugaragara, Adamu aba aciye kubiri n’ibwirizwa yahawe n’Imana yiwe Rurema Allah, maze arahuba.

20:122

ثُمَّ ٱجۡتَبَٰهُ رَبُّهُۥ فَتَابَ عَلَيۡهِ وَهَدَىٰ ﴿122﴾

Transliteration: Thumma ijtabahu rabbuhu fataba AAalayhi wahada

Translation: Mu nyuma ni ho Adamu, Imana yiwe Rurema Allah Yamutora, Iramwumvira ukwigaya kwiwe, Iraheza Iramurongora mu nzira yayo.

20:123

قَالَ ٱهۡبِطَا مِنۡهَا جَمِيعَۢاۖ بَعۡضُكُمۡ لِبَعۡضٍ عَدُوّٞۖ فَإِمَّا يَأۡتِيَنَّكُم مِّنِّي هُدٗى فَمَنِ ٱتَّبَعَ هُدَايَ فَلَا يَضِلُّ وَلَا يَشۡقَىٰ ﴿123﴾

Transliteration: Qala ihbita minha jameeAAan baAAdukum libaAAdin AAaduwwun faimma yatiyannakum minnee hudan famani ittabaAAa hudaya fala yadillu wala yashqa

Translation: Imana Allah Yabwiye Adamu na Hawa Iti: “Nimuve mu Bwami bw’ijuru mumanuke kw’isi mwese muri kumwe na Ibilisi, mwebwe na we mwamaze gucika abansi hagati yanyu; nimwashikirwa n’uburongozi buvuye iwanje, uwuzokurikira uburongozi bwanje muri mwebwe, ntazokwigera ahuba kw’isi, eka ntazonagorwa mu buzima bw’inyuma yo gupfa;

20:124

وَمَنۡ أَعۡرَضَ عَن ذِكۡرِي فَإِنَّ لَهُۥ مَعِيشَةٗ ضَنكٗا وَنَحۡشُرُهُۥ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ أَعۡمَىٰ ﴿124﴾

Transliteration: Waman aAArada AAan thikree fainna lahu maAAeeshatan dankan wanahshuruhu yawma alqiyamati aAAman

Translation: Nayo uwuzogenza umugongo mu kwirengagiza uburongozi bwanje, mu vy’ukuri azobaho ubuzima bw’ivyago n’amaganya kw’isi[399], Duheze Tumuzure ku musi w’izuka ari impumyi kuko yirengagije kubona ukuri kw’ivyemezo vyacu akiri kw’isi”;

20:125

قَالَ رَبِّ لِمَ حَشَرۡتَنِيٓ أَعۡمَىٰ وَقَدۡ كُنتُ بَصِيرٗا ﴿125﴾

Transliteration: Qala rabbi lima hashartanee aAAma waqad kuntu baseeran

Translation: Azoheza avuge ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ni kuki Wanzuye ndi impumyi kandi nkiri kw’isi nahora mbona ukuri kwamye?”.

20:126

قَالَ كَذَٰلِكَ أَتَتۡكَ ءَايَٰتُنَا فَنَسِيتَهَاۖ وَكَذَٰلِكَ ٱلۡيَوۡمَ تُنسَىٰ ﴿126﴾

Transliteration: Qala kathalika atatka ayatuna fanaseetaha wakathalika alyawma tunsa

Translation: Imana Allah Izomwishura Iti: “Nakuzuye uri impumyi, kuko ivyemezo vyanje vyagushikiriye ukiri kw’isi uravyirengagiza, ntiwavyemera, ni nk’ukwo nyene rero Twebwe Allah Tukwirengagije kuri uno musi Tukaguta no mu muriro”.

20:127

وَكَذَٰلِكَ نَجۡزِي مَنۡ أَسۡرَفَ وَلَمۡ يُؤۡمِنۢ بِـَٔايَٰتِ رَبِّهِۦۚ وَلَعَذَابُ ٱلۡأٓخِرَةِ أَشَدُّ وَأَبۡقَىٰٓ ﴿127﴾

Transliteration: Wakathalika najzee man asrafa walam yumin biayati rabbihi walaAAathabu alakhirati ashaddu waabqa

Translation: Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Tuzohana abirengagije ivyemezo vyacu - Duhana kw’isi uwimonogoje mu butumva, ntaheze ngo yemere ivyemezo vy’Imana yiwe Rurema Allah; ni ukuri, n’ibihano yategekanirijwe mu buzima bw’inyuma yo gupfa, birakaze kandi vyamaho.

20:128

أَفَلَمۡ يَهۡدِ لَهُمۡ كَمۡ أَهۡلَكۡنَا قَبۡلَهُم مِّنَ ٱلۡقُرُونِ يَمۡشُونَ فِي مَسَٰكِنِهِمۡۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٖ لِّأُوْلِي ٱلنُّهَىٰ ﴿128﴾

Transliteration: Afalam yahdi lahum kam ahlakna qablahum mina alqurooni yamshoona fee masakinihim inna fee thalika laayatin liolee alnnuha

Translation: Ntumwa y’Imana! Mbega abantu warungitsweko, ibihano vy’ihonywa ry’imigwi myinshi Twahoneje aho hambere yabo, ntibiratuma batumbera inzira igororotse, kandi baca ahahoze imihana yabo, bakabona n’ibisigarira vya nya bihano! Mu vy’ukuri muri iryo honywa ry’imigwi myinshi, ni ukuri harimwo inkebuzo ku banyabwenge babushitse.

20:129

وَلَوۡلَا كَلِمَةٞ سَبَقَتۡ مِن رَّبِّكَ لَكَانَ لِزَامٗا وَأَجَلٞ مُّسَمّٗى ﴿129﴾

Transliteration: Walawla kalimatun sabaqat min rabbika lakana lizaman waajalun musamman

Translation: Iyo rero hataba isezerano ry’Imana yawe Rurema Allah Yamaze gutanga ryo kudahonya abantu warungitsweko, mu kurindiriza ibihano vy’umwe wese mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni ukuri vyari kuba ngombwa ko bahonywa bakiri kw’isi kubera igarariza ryabo.

20:130

فَٱصۡبِرۡ عَلَىٰ مَا يَقُولُونَ وَسَبِّحۡ بِحَمۡدِ رَبِّكَ قَبۡلَ طُلُوعِ ٱلشَّمۡسِ وَقَبۡلَ غُرُوبِهَاۖ وَمِنۡ ءَانَآيِٕ ٱلَّيۡلِ فَسَبِّحۡ وَأَطۡرَافَ ٱلنَّهَارِ لَعَلَّكَ تَرۡضَىٰ ﴿130﴾

Transliteration: Faisbir AAala ma yaqooloona wasabbih bihamdi rabbika qabla tulooAAi alshshamsi waqabla ghuroobiha wamin anai allayli fasabbih waatrafa alnnahari laAAallaka tarda

Translation: Ntumwa y’Imana! Ihanganire rero ivyo abagarariji bavuga, uheze uremururire umushaha, uninahaze Imana yawe Rurema Allah mu kuyishimagiza mw’isengesho ryo mu mutwenzi imbere yuko izuba riseruka, no mw’isengesho ryo ku muhingamo imbere yuko izuba rirenga, no mw’isengesho ryo ku mugoroba bumaze guhwibira, wongere uninahaze Imana yawe Rurema Allah mw’isengesho ryo ku musase mu bihe vy’igicamusi, no mw’isengesho ryo kukirengazuba kugira uhemberwe ivyo bikorwa indishi igushimisha.

20:131

وَلَا تَمُدَّنَّ عَيۡنَيۡكَ إِلَىٰ مَا مَتَّعۡنَا بِهِۦٓ أَزۡوَٰجٗا مِّنۡهُمۡ زَهۡرَةَ ٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَا لِنَفۡتِنَهُمۡ فِيهِۚ وَرِزۡقُ رَبِّكَ خَيۡرٞ وَأَبۡقَىٰ ﴿131﴾

Transliteration: Wala tamuddanna AAaynayka ila ma mattaAAna bihi azwajan minhum zahrata alhayati alddunya linaftinahum feehi warizqu rabbika khayrun waabqa

Translation: Kandi ntukarangamize wipfuza kuronka ivyo Twahaye bamwe mu bagarariji, mu bihendamaso vy’isi bitandukanye kugira Tubibageragerezeko; ibikubeshaho uronkejwe n’Imana yawe Rurema Allah hamwe n’indishi zayo, ni vyo vyiza gusumba ivyo bihendamaso vy’isi, kandi ni na vyo vyamaho.

20:132

وَأۡمُرۡ أَهۡلَكَ بِٱلصَّلَوٰةِ وَٱصۡطَبِرۡ عَلَيۡهَاۖ لَا نَسۡـَٔلُكَ رِزۡقٗاۖ نَّحۡنُ نَرۡزُقُكَۗ وَٱلۡعَٰقِبَةُ لِلتَّقۡوَىٰ ﴿132﴾

Transliteration: Wamur ahlaka bialssalati waistabir AAalayha la nasaluka rizqan nahnu narzuquka waalAAaqibatu lilttaqwa

Translation: Muvugishwamana! Bwiriza umuryango wawe gusenga, wongere wihanganire kwamizako gusenga; ntitugusavye icotubeshaho, ni Twebwe Allah Tukubeshaho Tukakuronsa n’ivyo ukeneye. Burya iherezo ryiza kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni iry’abagamburukiramana.

20:133

وَقَالُواْ لَوۡلَا يَأۡتِينَا بِـَٔايَةٖ مِّن رَّبِّهِۦٓۚ أَوَلَمۡ تَأۡتِهِم بَيِّنَةُ مَا فِي ٱلصُّحُفِ ٱلۡأُولَىٰ ﴿133﴾

Transliteration: Waqaloo lawla yateena biayatin min rabbihi awalam tatihim bayyinatu ma fee alssuhufi aloola

Translation: Ntumwa y’Imana! Abaguhakana bavuze bati: “Ubwo Muhamadi ntiyari gupfuma atuzanira icemezo kivuye ku Mana yiwe Rurema Allah, cemeza ko ari Intumwa vy’ukuri!”. Mbega ntibashikiriwe na Qor’ani ishimangira ukuri kuri mu Bitabu vyo hambere yayo!

20:134

وَلَوۡ أَنَّآ أَهۡلَكۡنَٰهُم بِعَذَابٖ مِّن قَبۡلِهِۦ لَقَالُواْ رَبَّنَا لَوۡلَآ أَرۡسَلۡتَ إِلَيۡنَا رَسُولٗا فَنَتَّبِعَ ءَايَٰتِكَ مِن قَبۡلِ أَن نَّذِلَّ وَنَخۡزَىٰ ﴿134﴾

Transliteration: Walaw anna ahlaknahum biAAathabin min qablihi laqaloo rabbana lawla arsalta ilayna rasoolan fanattabiAAa ayatika min qabli an nathilla wanakhza

Translation: Iyo Tubahana Tukabahonya imbere yuko Tubarungikira Intumwa Tukanabamanurira Qor’ani, bari kuvuga bati: “Mana yacu Rurema Allah! Ntiwari kubanza Ukaturungikira Intumwa maze tukayemera, tugakurikira na Aayah n’amabwirizwa yawe, imbere yuko dusuzugurika tugateterezwa n’ibihano vyawe!”.

20:135

قُلۡ كُلّٞ مُّتَرَبِّصٞ فَتَرَبَّصُواْۖ فَسَتَعۡلَمُونَ مَنۡ أَصۡحَٰبُ ٱلصِّرَٰطِ ٱلسَّوِيِّ وَمَنِ ٱهۡتَدَىٰ ﴿135﴾

Transliteration: Qul kullun mutarabbisun fatarabbasoo fasataAAlamoona man ashabu alssirati alssawiyyi wamani ihtada

Translation: Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire ababangikanyamana, uti: “Umwe wese muri twebwe na mwe, ararindiriye ikizomushikira kuri ino si, caba ineza canke inabi, nimurindire rero, muzoteba mumenya muri twebwe na mwe abari mu nzira itumbereye n’abagororotsi batumbereye ukuri”.

Transliteration source: English Transliteration by Tanzil. Used under Tanzil's non-commercial terms; see the source and latest updates at Tanzil. Tanzil translation download