quranm◉

Surah Fatir transliteration

◉ Sura · ∞

35:1

ٱلۡحَمۡدُ لِلَّهِ فَاطِرِ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ جَاعِلِ ٱلۡمَلَـٰٓئِكَةِ رُسُلًا أُوْلِيٓ أَجۡنِحَةٖ مَّثۡنَىٰ وَثُلَٰثَ وَرُبَٰعَۚ يَزِيدُ فِي ٱلۡخَلۡقِ مَا يَشَآءُۚ إِنَّ ٱللَّهَ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ قَدِيرٞ ﴿1﴾

Transliteration: Alhamdu lillahi fatiri alssamawati waalardi jaAAili almalaikati rusulan olee ajnihatin mathna wathulatha warubaAAa yazeedu fee alkhalqi ma yashao inna Allaha AAala kulli shayin qadeerun

Translation: Nihashimagizwe Imana Allah, Rutanguzandemo Yaremye amajuru n’isi, Igira abamalayika intumwa Irungika ku bo Ishatse mu biremwa; muri nya bamalayika, harimwo abo Yahaye amababa abirabiri, atatatatu n’anane kugira bashobore kuguruka aho hose batumwe n’Imana Allah, Imana Allah Yongerereza inkomezi mu ndemo uwo Ishatse mu biremwa. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Mushoboravyose, ntakiyinanira.

35:2

مَّا يَفۡتَحِ ٱللَّهُ لِلنَّاسِ مِن رَّحۡمَةٖ فَلَا مُمۡسِكَ لَهَاۖ وَمَا يُمۡسِكۡ فَلَا مُرۡسِلَ لَهُۥ مِنۢ بَعۡدِهِۦۚ وَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلۡحَكِيمُ ﴿2﴾

Transliteration: Ma yaftahi Allahu lilnnasi min rahmatin fala mumsika laha wama yumsik fala mursila lahu min baAAdihi wahuwa alAAazeezu alhakeemu

Translation: Ikintu cose Imana Allah Igomororeye abantu ku mpuhwe zayo mu bibabeshaho; imvura, amagara meza, ubumenyi, n’ibindi mu nema zayo, nta n’umwe ashobora kukizibira ngo ntigishikire abo Yakigeneye. Ni nk’uko nyene kandi ikintu cose Imana Allah Igumije muri izo nema zayo ngo abantu ntibakironke, ata n’umwe ashobora kukibarungikira mu nyuma yayo, ni Yo rero Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.

35:3

يَـٰٓأَيُّهَا ٱلنَّاسُ ٱذۡكُرُواْ نِعۡمَتَ ٱللَّهِ عَلَيۡكُمۡۚ هَلۡ مِنۡ خَٰلِقٍ غَيۡرُ ٱللَّهِ يَرۡزُقُكُم مِّنَ ٱلسَّمَآءِ وَٱلۡأَرۡضِۚ لَآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَۖ فَأَنَّىٰ تُؤۡفَكُونَ ﴿3﴾

Transliteration: Ya ayyuha alnnasu othkuroo niAAmata Allahi AAalaykum hal min khaliqin ghayru Allahi yarzuqukum mina alssamai waalardi la ilaha illa huwa faanna tufakoona

Translation: Emwe bantu! Nimwibuke inema Imana Allah Yabahaye, maze muyininahaze, muyitazire mu buryo bwose, aho muzoba muri hose, nta mana Yabaremye atari Imana Allah Ibaronsa ibibabeshaho biturutse ku mvura igwa ivuye mu bicu izananye mu kirere, n’ibiva mw’isi mu bimera hamwe n’ubutare, n’ibindi. Nta yindi mana ibwirijwe gusengwa atari Yo. None ni gute muyibangikanya ha kuyisenga ari Imwe Rudende!

35:4

وَإِن يُكَذِّبُوكَ فَقَدۡ كُذِّبَتۡ رُسُلٞ مِّن قَبۡلِكَۚ وَإِلَى ٱللَّهِ تُرۡجَعُ ٱلۡأُمُورُ ﴿4﴾

Transliteration: Wain yukaththibooka faqad kuththibat rusulun min qablika waila Allahi turjaAAu alomooru

Translation: Ntumwa y’Imana! Abantu warungitsweko nibaguhakana bivuye inyuma, si wewe uzoba ubaye uwa mbere, ni ukuri n’Intumwa zarungitswe hambere yawe, abantu zarungitsweko barazihakanye bivuye inyuma, kandi impera n'imperuka ibiremwa vyose bizosubira ku Mana Allah, kugira Ihembe umwumwe wese muri vyo ku rugero rw’ibimukwiye.

35:5

يَـٰٓأَيُّهَا ٱلنَّاسُ إِنَّ وَعۡدَ ٱللَّهِ حَقّٞۖ فَلَا تَغُرَّنَّكُمُ ٱلۡحَيَوٰةُ ٱلدُّنۡيَا وَلَا يَغُرَّنَّكُم بِٱللَّهِ ٱلۡغَرُورُ ﴿5﴾

Transliteration: Ya ayyuha alnnasu inna waAAda Allahi haqqun fala taghurrannakumu alhayatu alddunya wala yaghurrannakum biAllahi algharooru

Translation: Emwe bantu! Mu vy’ukuri, isezerano ry’Imana Allah ryo kubazura no kubahembera ivyo mwakoze, ni iry’ukuri; ntimugahendwe rero n’ibihendamaso vy’ubuzima bwo kw’isi, kandi ntimugahendwe na shetani ngo ibakure ku Mana Allah;

35:6

إِنَّ ٱلشَّيۡطَٰنَ لَكُمۡ عَدُوّٞ فَٱتَّخِذُوهُ عَدُوًّاۚ إِنَّمَا يَدۡعُواْ حِزۡبَهُۥ لِيَكُونُواْ مِنۡ أَصۡحَٰبِ ٱلسَّعِيرِ ﴿6﴾

Transliteration: Inna alshshaytana lakum AAaduwwun faittakhithoohu AAaduwwan innama yadAAoo hizbahu liyakoonoo min ashabi alssaAAeeri

Translation: Mu vy’ukuri shetani ni umwansi wanyu, na mwe nyene rero nimumugire umwansi, ntimukamwumvire. Ni ukuri shetani irarikira umugwi wayo mu nzira y’ubuhuvyi, kugira uzobe mu bantu bo mu muriro wama wegenyejwe.

35:7

ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ لَهُمۡ عَذَابٞ شَدِيدٞۖ وَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّـٰلِحَٰتِ لَهُم مَّغۡفِرَةٞ وَأَجۡرٞ كَبِيرٌ ﴿7﴾

Transliteration: Allatheena kafaroo lahum AAathabun shadeedun waallatheena amanoo waAAamiloo alssalihati lahum maghfiratun waajrun kabeerun

Translation: Abahakanye bivuye inyuma ko Imana Allah ari Imwe Rudende, bagahakana n’ivyo bashikirijwe n’Intumwa, barategekanirijwe ibihano bikaze mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Nayo abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakanakora n’ivyiza bitegetswe, bazogumirizwa akabanga ku vyaha vyabo, baheze bababarirwe mu buzima bw’inyuma yo gupfa, bazonaronka n’impano nta ngere kandi zamaho mu Bwami bw’ijuru.

35:8

أَفَمَن زُيِّنَ لَهُۥ سُوٓءُ عَمَلِهِۦ فَرَءَاهُ حَسَنٗاۖ فَإِنَّ ٱللَّهَ يُضِلُّ مَن يَشَآءُ وَيَهۡدِي مَن يَشَآءُۖ فَلَا تَذۡهَبۡ نَفۡسُكَ عَلَيۡهِمۡ حَسَرَٰتٍۚ إِنَّ ٱللَّهَ عَلِيمُۢ بِمَا يَصۡنَعُونَ ﴿8﴾

Transliteration: Afaman zuyyina lahu sooo AAamalihi faraahu hasanan fainna Allaha yudillu man yashao wayahdee man yashao fala tathhab nafsuka AAalayhim hasaratin inna Allaha AAaleemun bima yasnaAAoona

Translation: Uwuryoherejwe na shetani ibikorwa vyiwe bibi maze akabibona ko ari vyiza, yoba angana mu butore n’uwarongowe n’Imana Allah mu nzira igororotse, agaheza agatandukanya icatsi n’ururo, maze iciza akabona ko ari ciza, ikibi na co akabona ko ari kibi! Mu vy’ukuri Imana Allah, Ihubisha uwo Ishatse ku bugaba bwiwe, Ikarongora uwo Ishatse ku bugamburutsi bwiwe. Ntumwa y’Imana! Ntukicwe rero n’intuntu kubera ubugarariji bw’abaryoherejwe ivy’isi, mu vy’ukuri Imana Allah ni Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ibintu vyose bakoze kw'isi kandi Izobibahembera.

35:9

وَٱللَّهُ ٱلَّذِيٓ أَرۡسَلَ ٱلرِّيَٰحَ فَتُثِيرُ سَحَابٗا فَسُقۡنَٰهُ إِلَىٰ بَلَدٖ مَّيِّتٖ فَأَحۡيَيۡنَا بِهِ ٱلۡأَرۡضَ بَعۡدَ مَوۡتِهَاۚ كَذَٰلِكَ ٱلنُّشُورُ ﴿9﴾

Transliteration: WaAllahu allathee arsala alrriyaha fatutheeru sahaban fasuqnahu ila baladin mayyitin faahyayna bihi alarda baAAda mawtiha kathalika alnnushooru

Translation: Imana Allah, ni Yo Irungika umuyaga ugaheza ugasunika ibicu vy’imvura, maze Twebwe Allah Tukabirungika ahari isi yagadutse igacika ubukumbagare, maze imvura ikahagwa, isi na yo igasubira kunaga igatotahara inyuma y’aho yari ubukumbagare. Ni nk’uko nyene rero Imana Allah - Itotahaza isi y’ubukumbagare igasubira gutotahara - Izosubiza ubuzima ibiremwa vyapfuye bikazuka ku musi w’izuka.

35:10

مَن كَانَ يُرِيدُ ٱلۡعِزَّةَ فَلِلَّهِ ٱلۡعِزَّةُ جَمِيعًاۚ إِلَيۡهِ يَصۡعَدُ ٱلۡكَلِمُ ٱلطَّيِّبُ وَٱلۡعَمَلُ ٱلصَّـٰلِحُ يَرۡفَعُهُۥۚ وَٱلَّذِينَ يَمۡكُرُونَ ٱلسَّيِّـَٔاتِ لَهُمۡ عَذَابٞ شَدِيدٞۖ وَمَكۡرُ أُوْلَـٰٓئِكَ هُوَ يَبُورُ ﴿10﴾

Transliteration: Man kana yureedu alAAizzata falillahi alAAizzatu jameeAAan ilayhi yasAAadu alkalimu alttayyibu waalAAamalu alssalihu yarfaAAuhu waallatheena yamkuroona alssayyiati lahum AAathabun shadeedun wamakru olaika huwa yabooru

Translation: Uwurondera rero icubahiro c’iteka mu buzima bwo kw’isi canke mu bw’inyuma yo gupfa, arakironderera mw'iyumviramana, burya icubahiro cose c’iteka gikomoka kuri Yo[1]. Ininahaza n’itaziramana riduga ku Mana Allah, n’ibikorwa vyiza nyene Ibiduza kuri Yo. Abagira ubwononyi mu gucumura, barategekanirijwe ibihano bikaze mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ubwononyi bwabo rero nta co buzobashikanako.

35:11

وَٱللَّهُ خَلَقَكُم مِّن تُرَابٖ ثُمَّ مِن نُّطۡفَةٖ ثُمَّ جَعَلَكُمۡ أَزۡوَٰجٗاۚ وَمَا تَحۡمِلُ مِنۡ أُنثَىٰ وَلَا تَضَعُ إِلَّا بِعِلۡمِهِۦۚ وَمَا يُعَمَّرُ مِن مُّعَمَّرٖ وَلَا يُنقَصُ مِنۡ عُمُرِهِۦٓ إِلَّا فِي كِتَٰبٍۚ إِنَّ ذَٰلِكَ عَلَى ٱللَّهِ يَسِيرٞ ﴿11﴾

Transliteration: WaAllahu khalaqakum min turabin thumma min nutfatin thumma jaAAalakum azwajan wama tahmilu min ontha wala tadaAAu illa biAAilmihi wama yuAAammaru min muAAammarin wala yunqasu min AAumurihi illa fee kitabin inna thalika AAala Allahi yaseerun

Translation: Bantu! Imana Allah Yaremye so Adamu mw’ivu, hanyuma abamukomotseko Ibarema mw’ima ry’intanga, umugabo asunikira mu gitereko c’umugore, hanyuma Ibagira abagabo n’abagore. Nta n’igitsina-gore rero gisama inda canke ngo kiyivyare, kiretse ku bumenyi bw’Imana Allah; nta n’uwuramba akamara imyaka n’iyindi, eka nta n’uwugabanirizwa imyaka yo kubaho, kiretse ko ivyo vyose biba vyanditswe mu Gitabu nyezina canditswemwo ivyagezwe n’ishirwa mu ngiro ryavyo. Mu vy’ukuri iremwa ryanyu, kumenya ido n’ido ku buzima bwanyu imbere n’inyuma yuko muremwa, biroroshe cane ku Mana Allah.

35:12

وَمَا يَسۡتَوِي ٱلۡبَحۡرَانِ هَٰذَا عَذۡبٞ فُرَاتٞ سَآئِغٞ شَرَابُهُۥ وَهَٰذَا مِلۡحٌ أُجَاجٞۖ وَمِن كُلّٖ تَأۡكُلُونَ لَحۡمٗا طَرِيّٗا وَتَسۡتَخۡرِجُونَ حِلۡيَةٗ تَلۡبَسُونَهَاۖ وَتَرَى ٱلۡفُلۡكَ فِيهِ مَوَاخِرَ لِتَبۡتَغُواْ مِن فَضۡلِهِۦ وَلَعَلَّكُمۡ تَشۡكُرُونَ ﴿12﴾

Transliteration: Wama yastawee albahrani hatha AAathbun furatun saighun sharabuhu wahatha milhun ojajun wamin kullin takuloona lahman tariyyan watastakhrijoona hilyatan talbasoonaha watara alfulka feehi mawakhira litabtaghoo min fadlihi walaAAallakum tashkuroona

Translation: Hari amabahari abiri ahura atandukanye mu kanovera k’amazi yayo; aho usanga amazi y’iri bahari afise akanovera, atemba neza mu muhogo akamara n’inyota; ugasanga amazi y’irindi bahari bihura ari amazi y’icunyunyu; hamwe n’iryo tandukaniro ry’akanovera k’amazi yayo, mw’ibahari rimwe ryose muri yo, muraroba mugafungura ifi zoroshe ziryoshe, mukanacukura ubutare butandukanye muhinguramwo ibisharizo mwambara mukaberwa; uzobona n’ubwato amahanga bugendera mu mazi mu ruja n’uruza rw’urudandazwa, kugira murondere icobabeshaho mu mpano z’Imana Allah, ivyo vyose rero bikerekana ubushobozi bwayo kugira muyishimire ari Imwe Rudende.

35:13

يُولِجُ ٱلَّيۡلَ فِي ٱلنَّهَارِ وَيُولِجُ ٱلنَّهَارَ فِي ٱلَّيۡلِ وَسَخَّرَ ٱلشَّمۡسَ وَٱلۡقَمَرَۖ كُلّٞ يَجۡرِي لِأَجَلٖ مُّسَمّٗىۚ ذَٰلِكُمُ ٱللَّهُ رَبُّكُمۡ لَهُ ٱلۡمُلۡكُۚ وَٱلَّذِينَ تَدۡعُونَ مِن دُونِهِۦ مَا يَمۡلِكُونَ مِن قِطۡمِيرٍ ﴿13﴾

Transliteration: Yooliju allayla fee alnnahari wayooliju alnnahara fee allayli wasakhkhara alshshamsa waalqamara kullun yajree liajalin musamman thalikumu Allahu rabbukum lahu almulku waallatheena tadAAoona min doonihi ma yamlikoona min qitmeerin

Translation: Imana Allah Yinjiza igice c’ijoro mu murango, maze umurango ukaba muremure; Ikinjinza igice c’umurango mw’ijoro, maze ijoro rikaba rirerire; Yagize izuba n’ukwezi mwikorako kuba kimwe cose muri vyo gica mu nzira-ntasobwa yaco kugera kw’isango ryagezwe. Iyo rero, ni Yo Mana Allah, Imana yanyu Rurema Nyenubwami, nayo ivyo musaba mu gishingo cayo, nta kintu na kimwe bigaba n’aho coba kingana n’agashishwa kari ku rutete rw’itende.

35:14

إِن تَدۡعُوهُمۡ لَا يَسۡمَعُواْ دُعَآءَكُمۡ وَلَوۡ سَمِعُواْ مَا ٱسۡتَجَابُواْ لَكُمۡۖ وَيَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ يَكۡفُرُونَ بِشِرۡكِكُمۡۚ وَلَا يُنَبِّئُكَ مِثۡلُ خَبِيرٖ ﴿14﴾

Transliteration: In tadAAoohum la yasmaAAoo duAAaakum walaw samiAAoo ma istajaboo lakum wayawma alqiyamati yakfuroona bishirkikum wala yunabbioka mithlu khabeerin

Translation: Emwe bantu! Iyo musavye ibigirwamana mu gishingo c’Imana Allah, ntivyumva igisabisho canyu. N’iyo vyobaye vyumva nya gisabisho, ntivyobaha ivyo musavye; mbere no ku musi w’izuka, bizokwamirira kure ibangikanyamana ryanyu. Ntumwa y’Imana! Nta wokubwira inkuru y’ukuri yoza asumba Muhetuziwavyose Allah.

35:15

يَـٰٓأَيُّهَا ٱلنَّاسُ أَنتُمُ ٱلۡفُقَرَآءُ إِلَى ٱللَّهِۖ وَٱللَّهُ هُوَ ٱلۡغَنِيُّ ٱلۡحَمِيدُ ﴿15﴾

Transliteration: Ya ayyuha alnnasu antumu alfuqarao ila Allahi waAllahu huwa alghaniyyu alhameedu

Translation: Emwe bantu! Mwebwe mukeneye Imana Allah muri vyose, nta na kimwe mwikenuyeko ku bwanyu, burya Imana Allah, ni Yo Uwikenuye Yikenuye muri vyose, Nyenugushimwa, Ishimwa mu bihe vyose ku mazina, ku matazirano no ku bikorwa vyayo;

35:16

إِن يَشَأۡ يُذۡهِبۡكُمۡ وَيَأۡتِ بِخَلۡقٖ جَدِيدٖ ﴿16﴾

Transliteration: In yasha yuthhibkum wayati bikhalqin jadeedin

Translation: Ishatse rero, Yobahonya mukagenda mwese amazimayongo, Igaheza Ikazana ibindi biremwa biyumvira bikayisenga Yo Yonyene Itabangikanywa.

35:17

وَمَا ذَٰلِكَ عَلَى ٱللَّهِ بِعَزِيزٖ ﴿17﴾

Transliteration: Wama thalika AAala Allahi biAAazeezin

Translation: Kandi ihonywa ryanyu n’isubirizwa ryanyu n’ibindi biremwa, ntivyonanira Imana Allah, ahubwo mbere biroroshe cane kuri Yo.

35:18

وَلَا تَزِرُ وَازِرَةٞ وِزۡرَ أُخۡرَىٰۚ وَإِن تَدۡعُ مُثۡقَلَةٌ إِلَىٰ حِمۡلِهَا لَا يُحۡمَلۡ مِنۡهُ شَيۡءٞ وَلَوۡ كَانَ ذَا قُرۡبَىٰٓۗ إِنَّمَا تُنذِرُ ٱلَّذِينَ يَخۡشَوۡنَ رَبَّهُم بِٱلۡغَيۡبِ وَأَقَامُواْ ٱلصَّلَوٰةَۚ وَمَن تَزَكَّىٰ فَإِنَّمَا يَتَزَكَّىٰ لِنَفۡسِهِۦۚ وَإِلَى ٱللَّهِ ٱلۡمَصِيرُ ﴿18﴾

Transliteration: Wala taziru waziratun wizra okhra wain tadAAu muthqalatun ila himliha la yuhmal minhu shayon walaw kana tha qurba innama tunthiru allatheena yakhshawna rabbahum bialghaybi waaqamoo alssalata waman tazakka fainnama yatazakka linafsihi waila Allahi almaseeru

Translation: Nta munyavyaha azohanirwa ivyaha vy’uwundi. Uwuzoremerwa n’ivyaha, maze agasaba ko hogira uwumwakira mu kumuremururira umutwaro w’ivyaha, ntazoronka n’umwe amwakira ngo amuremurure n’icaha na kimwe, n’aho yoba ari incuti ya hafi basangiye amaraso; nka se canke mwenewabo. Ntumwa y’Imana! Ni ukuri wewe, ugabisha abatinya ibihano vy’Imana yabo Rurema Allah kandi batayibona, bakanatsimbataza n’amasengesho akwije ibisabwa ku mwanya wayo. Uwuzokwiyeza mu kudacumura no mu kutabangikanya Imana Allah, azoba yiyejeje ku neza yiwe. Ni ku Mana Allah rero ibiremwa vyose bizosubira kugira Ihembe kimwe cose ku rugero rw’ibigikwiye.

35:19

وَمَا يَسۡتَوِي ٱلۡأَعۡمَىٰ وَٱلۡبَصِيرُ ﴿19﴾

Transliteration: Wama yastawee alaAAma waalbaseeru

Translation: Nta ho vyakabaye ko igipfamaso mu kutabona ukuri, gishobora kungana mu butore n’umuntu abona agakurikira inzira y’ukuri;

35:20

وَلَا ٱلظُّلُمَٰتُ وَلَا ٱلنُّورُ ﴿20﴾

Transliteration: Wala alththulumatu wala alnnooru

Translation: Eka n’umuzimagiza w’ubugarariji nta ho usa usana n’umuco w’ukwemera;

35:21

وَلَا ٱلظِّلُّ وَلَا ٱلۡحَرُورُ ﴿21﴾

Transliteration: Wala alththillu wala alharooru

Translation: Eka n’agatutu gapfutse ntigashobora kuba nk’umuyaga w’akayagirizo;

35:22

وَمَا يَسۡتَوِي ٱلۡأَحۡيَآءُ وَلَا ٱلۡأَمۡوَٰتُۚ إِنَّ ٱللَّهَ يُسۡمِعُ مَن يَشَآءُۖ وَمَآ أَنتَ بِمُسۡمِعٖ مَّن فِي ٱلۡقُبُورِ ﴿22﴾

Transliteration: Wama yastawee alahyao wala alamwatu inna Allaha yusmiAAu man yashao wama anta bimusmiAAin man fee alquboori

Translation: Eka n’ababayeho ubuzima bw’ukwemera nta ho basa basana n’ibipfamutima vyishwe n’ubugarariji. Mu vy’ukuri Imana Allah, Irumvira Ikakirira uwo Ishatse mu biremwa. Ntumwa y’Imana! Kurya wewe udashoboye gutuma abari mu mva bumva, ni ko udashoboye gutuma ibipfamutima vyishwe n’ubugarariji vyumva;

35:23

إِنۡ أَنتَ إِلَّا نَذِيرٌ ﴿23﴾

Transliteration: In anta illa natheerun

Translation: Burya wewe, nta kindi ujejwe atari ukugabisha ku bihano vy’Imana Allah.

35:24

إِنَّآ أَرۡسَلۡنَٰكَ بِٱلۡحَقِّ بَشِيرٗا وَنَذِيرٗاۚ وَإِن مِّنۡ أُمَّةٍ إِلَّا خَلَا فِيهَا نَذِيرٞ ﴿24﴾

Transliteration: Inna arsalnaka bialhaqqi basheeran wanatheeran wain min ommatin illa khala feeha natheerun

Translation: Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twakurungikanye idini ry’ukuri, kugira ushikirize inkuru nziza ihumuriza abemeramana, ko bazohabwa Ubwami bw’ijuru; wongere ugabishe n’abagarariji ku bihano vy’umuriro bibarindiriye. Nta mugwi n’umwe w’abantu wabayeho rero, kiretse ko warungikiwe Umugabisha ku bihano vy’umuriro.

35:25

وَإِن يُكَذِّبُوكَ فَقَدۡ كَذَّبَ ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِمۡ جَآءَتۡهُمۡ رُسُلُهُم بِٱلۡبَيِّنَٰتِ وَبِٱلزُّبُرِ وَبِٱلۡكِتَٰبِ ٱلۡمُنِيرِ ﴿25﴾

Transliteration: Wain yukaththibooka faqad kaththaba allatheena min qablihim jaathum rusuluhum bialbayyinati wabialzzuburi wabialkitabi almuneeri

Translation: Ababangikanyamana baramutse baguhakanye bivuye inyuma, si wewe uzoba ubaye uwa mbere, ni ukuri abantu b’aho hambere yabo, barahakanye bivuye inyuma Intumwa barungikiwe, hamwe n’uko zaje zifise ibitangaro n’ivyemezo bigaragara, zibangikanije n’Imizingo y’ibitabu irimwo inyigisho hamwe n’Ibitabu bitomora inzira y’ukuri.

35:26

ثُمَّ أَخَذۡتُ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْۖ فَكَيۡفَ كَانَ نَكِيرِ ﴿26﴾

Transliteration: Thumma akhathtu allatheena kafaroo fakayfa kana nakeeri

Translation: Mu nyuma rero, ni ho Jewe Allah Nafata abagararije Ndabahana bikwiye. Ehe raba rero Ntumwa y’Imana, ukuntu Nabihanije kutagarariza ntibumva, Nca Ndabahana!

35:27

أَلَمۡ تَرَ أَنَّ ٱللَّهَ أَنزَلَ مِنَ ٱلسَّمَآءِ مَآءٗ فَأَخۡرَجۡنَا بِهِۦ ثَمَرَٰتٖ مُّخۡتَلِفًا أَلۡوَٰنُهَاۚ وَمِنَ ٱلۡجِبَالِ جُدَدُۢ بِيضٞ وَحُمۡرٞ مُّخۡتَلِفٌ أَلۡوَٰنُهَا وَغَرَابِيبُ سُودٞ ﴿27﴾

Transliteration: Alam tara anna Allaha anzala mina alssamai maan faakhrajna bihi thamaratin mukhtalifan alwanuha wamina aljibali judadun beedun wahumrun mukhtalifun alwanuha wagharabeebu soodun

Translation: Mbega ntiwabonye ko Imana Allah, Yatumye hagwa imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, Turaheza Twebwe Allah, Tumeresha ibiti vy’ivyamwa bitandukanye kw’ibara hakoreshejwe nya mazi; nk’ibitukura, ivyirabura n’ivy’umuhondo, n’ibindi; Turema no mu misozi, imisozi ifise agataka kera, n’iyifise agataka k’umuhondo utandukanye kw’ibara, hamwe n’iyindi misozi rero ifise agataka kirabura tsiritsiri!

35:28

وَمِنَ ٱلنَّاسِ وَٱلدَّوَآبِّ وَٱلۡأَنۡعَٰمِ مُخۡتَلِفٌ أَلۡوَٰنُهُۥ كَذَٰلِكَۗ إِنَّمَا يَخۡشَى ٱللَّهَ مِنۡ عِبَادِهِ ٱلۡعُلَمَـٰٓؤُاْۗ إِنَّ ٱللَّهَ عَزِيزٌ غَفُورٌ ﴿28﴾

Transliteration: Wamina alnnasi waalddawabbi waalanAAami mukhtalifun alwanuhu kathalika innama yakhsha Allaha min AAibadihi alAAulamao inna Allaha AAazeezun ghafoorun

Translation: Twaremye no mu bantu, mu nyamaswa n’ibigendagenda mw’isi no mu bitungwa, ibitandukanye kw’ibara; nk’ibitukura, ivyera n’ivyirabura, n’ibindi. Ni ukuri, abatinya ibihano vy’Imana Allah bakavyirinda, ni abamenyi bazi Imana Allah ku biyiranga mu mazina n’amatazirano yayo, no mu bushobozi bwayo bwo kurema ibitandukanye kw’ibara kandi inkomoko yavyo ari imwe. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi-ntangere.

35:29

إِنَّ ٱلَّذِينَ يَتۡلُونَ كِتَٰبَ ٱللَّهِ وَأَقَامُواْ ٱلصَّلَوٰةَ وَأَنفَقُواْ مِمَّا رَزَقۡنَٰهُمۡ سِرّٗا وَعَلَانِيَةٗ يَرۡجُونَ تِجَٰرَةٗ لَّن تَبُورَ ﴿29﴾

Transliteration: Inna allatheena yatloona kitaba Allahi waaqamoo alssalata waanfaqoo mimma razaqnahum sirran waAAalaniyatan yarjoona tijaratan lan taboora

Translation: Mu vy’ukuri, abasoma Igitabu c’Imana Allah ca Qor’ani bakagendera n’amabwirizwa yaco, bagatsimbataza n’amasengesho akwije ibisabwa ku mwanya wayo, bagatanga no mu vyo Twabaronkeje mu buryo butegetswe canke biyemeje mu mpisho no ku mugaragaro, bagakora ivyo vyose barondera urudandazwa rutigera ruhomba ku Mana Allah;

35:30

لِيُوَفِّيَهُمۡ أُجُورَهُمۡ وَيَزِيدَهُم مِّن فَضۡلِهِۦٓۚ إِنَّهُۥ غَفُورٞ شَكُورٞ ﴿30﴾

Transliteration: Liyuwaffiyahum ojoorahum wayazeedahum min fadlihi innahu ghafoorun shakoorun

Translation: Izobaha impembo z’ibikorwa vyabo itagabanijwe, Yongere Ibagwirize ku mpano zayo ivyiza vyabo, mu vy’ukuri ni Yo Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenindishi, Isubiriza mu ndumane uwutanga.

35:31

وَٱلَّذِيٓ أَوۡحَيۡنَآ إِلَيۡكَ مِنَ ٱلۡكِتَٰبِ هُوَ ٱلۡحَقُّ مُصَدِّقٗا لِّمَا بَيۡنَ يَدَيۡهِۗ إِنَّ ٱللَّهَ بِعِبَادِهِۦ لَخَبِيرُۢ بَصِيرٞ ﴿31﴾

Transliteration: Waallathee awhayna ilayka mina alkitabi huwa alhaqqu musaddiqan lima bayna yadayhi inna Allaha biAAibadihi lakhabeerun baseerun

Translation: Ntumwa y’Imana! Ivyo Twaguhishuriye muri Qor’ani, ni kwo kuri kudahinyuzwa gushimangira Ibitabu vyahishuriwe Intumwa zo hambere yawe. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Muhetuziwavyose, Irazi neza ivyerekeye abaja bayo, Nyenukubona, Irabona neza ibikorwa vyabo, kandi Izobibahembera.

35:32

ثُمَّ أَوۡرَثۡنَا ٱلۡكِتَٰبَ ٱلَّذِينَ ٱصۡطَفَيۡنَا مِنۡ عِبَادِنَاۖ فَمِنۡهُمۡ ظَالِمٞ لِّنَفۡسِهِۦ وَمِنۡهُم مُّقۡتَصِدٞ وَمِنۡهُمۡ سَابِقُۢ بِٱلۡخَيۡرَٰتِ بِإِذۡنِ ٱللَّهِۚ ذَٰلِكَ هُوَ ٱلۡفَضۡلُ ٱلۡكَبِيرُ ﴿32﴾

Transliteration: Thumma awrathna alkitaba allatheena istafayna min AAibadina faminhum thalimun linafsihi waminhum muqtasidun waminhum sabiqun bialkhayrati biithni Allahi thalika huwa alfadlu alkabeeru

Translation: Mu nyuma y’ihonywa ryabo rero, Twebwe Allah, Twahaye Igitabu ca Qor’ani abo Twahisemwo mu baja bacu, barungikiwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah). Muri bo rero, harimwo uwirenganya mu gucumura, harimwo n’umugororotsi yubahiriza amabwirizwa; hakabamwo rero, n’uwihutira gukora ivyiza bitegetswe n’ibimutonesha ku Mana Allah ku burenganzira bwayo. Ihabwa ry’ico Gitabu rero, ni yo ngabirano nta ngere.

35:33

جَنَّـٰتُ عَدۡنٖ يَدۡخُلُونَهَا يُحَلَّوۡنَ فِيهَا مِنۡ أَسَاوِرَ مِن ذَهَبٖ وَلُؤۡلُؤٗاۖ وَلِبَاسُهُمۡ فِيهَا حَرِيرٞ ﴿33﴾

Transliteration: Jannatu AAadnin yadkhuloonaha yuhallawna feeha min asawira min thahabin waluluan walibasuhum feeha hareerun

Translation: Imirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru rya “Adeni”, yagenewe kwinjirwamwo abahawe ico Gitabu. Muri Bwo, bazoberwa n’ukwambikwa imiringa y’inzahabu n’ilulu[2], bazoba bambaye n’impuzu za misi yose zishonywe mw’iharire, abagabo ku bagore.

35:34

وَقَالُواْ ٱلۡحَمۡدُ لِلَّهِ ٱلَّذِيٓ أَذۡهَبَ عَنَّا ٱلۡحَزَنَۖ إِنَّ رَبَّنَا لَغَفُورٞ شَكُورٌ ﴿34﴾

Transliteration: Waqaloo alhamdu lillahi allathee athhaba AAanna alhazana inna rabbana laghafoorun shakoorun

Translation: Mu kwinjira muri nya Bwami, bazovuga bati: “Nihashimagizwe Imana Allah Yo Yatumaze agahinda n’intuntu ku mutima. Mu vy’ukuri Imana yacu Rurema Allah, ni ukuri ni Nyenikigongwe-ntangere kuko Yatubabariye, Nyenindishi kuko Yatwakiririye ibikorwa Ikanatugwiriza indishi;

35:35

ٱلَّذِيٓ أَحَلَّنَا دَارَ ٱلۡمُقَامَةِ مِن فَضۡلِهِۦ لَا يَمَسُّنَا فِيهَا نَصَبٞ وَلَا يَمَسُّنَا فِيهَا لُغُوبٞ ﴿35﴾

Transliteration: Allathee ahallana dara almuqamati min fadlihi la yamassuna feeha nasabun wala yamassuna feeha lughoobun

Translation: Ni Yo Yatwakiriye mw’icumbi ry’Ubwami ku ngabirano zayo, aho tutazokwigera turuha, eka ntituzonadebukirwa”.

35:36

وَٱلَّذِينَ كَفَرُواْ لَهُمۡ نَارُ جَهَنَّمَ لَا يُقۡضَىٰ عَلَيۡهِمۡ فَيَمُوتُواْ وَلَا يُخَفَّفُ عَنۡهُم مِّنۡ عَذَابِهَاۚ كَذَٰلِكَ نَجۡزِي كُلَّ كَفُورٖ ﴿36﴾

Transliteration: Waallatheena kafaroo lahum naru jahannama la yuqda AAalayhim fayamootoo wala yukhaffafu AAanhum min AAathabiha kathalika najzee kulla kafoorin

Translation: Nayo abagararije Imana Allah n’Intumwa yayo, bategekanirijwe umuriro wa Jahannamu, aho batazokwigera bapfa ngo bawuruhuke; eka ntibazonatezurirwa mu bihano vy’urutavanako, ni nk’ukwo rero Twebwe Allah, Duhana uwimonogoje mu bugarariji.

35:37

وَهُمۡ يَصۡطَرِخُونَ فِيهَا رَبَّنَآ أَخۡرِجۡنَا نَعۡمَلۡ صَٰلِحًا غَيۡرَ ٱلَّذِي كُنَّا نَعۡمَلُۚ أَوَلَمۡ نُعَمِّرۡكُم مَّا يَتَذَكَّرُ فِيهِ مَن تَذَكَّرَ وَجَآءَكُمُ ٱلنَّذِيرُۖ فَذُوقُواْ فَمَا لِلظَّـٰلِمِينَ مِن نَّصِيرٍ ﴿37﴾

Transliteration: Wahum yastarikhoona feeha rabbana akhrijna naAAmal salihan ghayra allathee kunna naAAmalu awalam nuAAammirkum ma yatathakkaru feehi man tathakkara wajaakumu alnnatheeru fathooqoo fama lilththalimeena min naseerin

Translation: Abagarariji, bamaze kurengerwa n’ibihano vyo mu muriro wa Jahannamu, bazotabaza n’agahinda n’akantu bati: “Mana yacu Rurema Allah! Dukure muri uwu muriro, maze Udusubize kw’isi duheze dukore ivyiza bitegetswe tutigeze dukora mu buzima”. Imana Allah Izobishura Iti: “Mbega Twebwe Allah, ntitwabahaye kubaho mukaramba ikiringo cari gikwiye, ari uwikebuka akikebuka, Tukanabarungikira n’Umugabisha mu Ntumwa zacu abagabisha ku bihano vyacu! Hamwe n’ivyo vyose, ntimwigeze mwikebuka. Nimuhonje rero ibihano vy’umuriro wa Jahannamu. Burya abirenganya mu kugarariza, nta n’uwubatabara mu kubakingira ibihano bafise”.

35:38

إِنَّ ٱللَّهَ عَٰلِمُ غَيۡبِ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۚ إِنَّهُۥ عَلِيمُۢ بِذَاتِ ٱلصُّدُورِ ﴿38﴾

Transliteration: Inna Allaha AAalimu ghaybi alssamawati waalardi innahu AAaleemun bithati alssudoori

Translation: Mu vy’ukuri Imana Allah, Irazi neza ibinyegejwe ibiremwa mu majuru n’isi, ni Yo mu vy’ukuri, Izi neza ibinyegejwe mu mishaha y’ibiremwa[3].

35:39

هُوَ ٱلَّذِي جَعَلَكُمۡ خَلَـٰٓئِفَ فِي ٱلۡأَرۡضِۚ فَمَن كَفَرَ فَعَلَيۡهِ كُفۡرُهُۥۖ وَلَا يَزِيدُ ٱلۡكَٰفِرِينَ كُفۡرُهُمۡ عِندَ رَبِّهِمۡ إِلَّا مَقۡتٗاۖ وَلَا يَزِيدُ ٱلۡكَٰفِرِينَ كُفۡرُهُمۡ إِلَّا خَسَارٗا ﴿39﴾

Transliteration: Huwa allathee jaAAalakum khalaifa fee alardi faman kafara faAAalayhi kufruhu wala yazeedu alkafireena kufruhum AAinda rabbihim illa maqtan wala yazeedu alkafireena kufruhum illa khasaran

Translation: Emwe bantu! Imana Allah, ni Yo Yabagiriye kubaho mukurakuranwa kw’isi. Uwo wese rero agararije isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah, ahanirwa iryo garariza ku gatwe kiwe. Burya igarariza ry’abagarariji, nta co ribongerereza ku Mana yabo Rurema Allah, atari ugushavurirwa; eka no kugarariza kwabo Imana Allah, nta co kubongerereza kiretse agahombo no guhona.

35:40

قُلۡ أَرَءَيۡتُمۡ شُرَكَآءَكُمُ ٱلَّذِينَ تَدۡعُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِ أَرُونِي مَاذَا خَلَقُواْ مِنَ ٱلۡأَرۡضِ أَمۡ لَهُمۡ شِرۡكٞ فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ أَمۡ ءَاتَيۡنَٰهُمۡ كِتَٰبٗا فَهُمۡ عَلَىٰ بَيِّنَتٖ مِّنۡهُۚ بَلۡ إِن يَعِدُ ٱلظَّـٰلِمُونَ بَعۡضُهُم بَعۡضًا إِلَّا غُرُورًا ﴿40﴾

Transliteration: Qul araaytum shurakaakumu allatheena tadAAoona min dooni Allahi aroonee matha khalaqoo mina alardi am lahum shirkun fee alssamawati am ataynahum kitaban fahum AAala bayyinatin minhu bal in yaAAidu alththalimoona baAAduhum baAAdan illa ghurooran

Translation: Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire ababangikanyamana uti: “Nimumbwire ku vyerekeye ubushobozi bw’abo mubangikanya n’Imana Allah mukabasaba mu gishingo cayo, mbega mwonyereka na kimwe baremye kw’isi! Canke boba barafadikanije n’Imana Allah mu kurema amajuru!”. Canke Twebwe Allah, Twoba Twarabahaye Igitabu bisunga mu kwemeza ibangikanyamana! Ahubwo rero, abirenganya mu bugarariji, nta sezerano bahana hagati yabo kiretse uruhendo”.

35:41

إِنَّ ٱللَّهَ يُمۡسِكُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ أَن تَزُولَاۚ وَلَئِن زَالَتَآ إِنۡ أَمۡسَكَهُمَا مِنۡ أَحَدٖ مِّنۢ بَعۡدِهِۦٓۚ إِنَّهُۥ كَانَ حَلِيمًا غَفُورٗا ﴿41﴾

Transliteration: Inna Allaha yumsiku alssamawati waalarda an tazoola walain zalata in amsakahuma min ahadin min baAAdihi innahu kana haleeman ghafooran

Translation: Mu vy’ukuri Imana Allah, Igumije amajuru n’isi kugira bigume aho biri bidahungabanye. Mu gihe rero vyohungabana bikava aho biri, nta n’umwe havuye Imana Allah yoshobora kubigumya akabigumiza aho bitegerezwa kuba; mu vy’ukuri, ni Yo Yamye ari Nyenubwitonzi-ntangere, ntiyihutira guhana ibigaba, Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya.

35:42

وَأَقۡسَمُواْ بِٱللَّهِ جَهۡدَ أَيۡمَٰنِهِمۡ لَئِن جَآءَهُمۡ نَذِيرٞ لَّيَكُونُنَّ أَهۡدَىٰ مِنۡ إِحۡدَى ٱلۡأُمَمِۖ فَلَمَّا جَآءَهُمۡ نَذِيرٞ مَّا زَادَهُمۡ إِلَّا نُفُورًا ﴿42﴾

Transliteration: Waaqsamoo biAllahi jahda aymanihim lain jaahum natheerun layakoonunna ahda min ihda alomami falamma jaahum natheerun ma zadahum illa nufooran

Translation: Abagararije mu bwoko bw’Abakorayishi, bararahiye bararengwa kw’Izina ry’Imana Allah, indahiro zitabaho, ko mu gihe boshikirwa n’Umugabisha abagabisha ku bihano vy’Imana Allah, bazomwumvira bakaba abagororotsi kurusha abayahudi n’abanaswara. Igitangaje rero, ni uko bamaze gushikirwa n’Umugabisha Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ata co vyabongerereje kiretse ubugaba bwo kutikebuka, guhonyanga no kwamirira kure ukuri.

35:43

ٱسۡتِكۡبَارٗا فِي ٱلۡأَرۡضِ وَمَكۡرَ ٱلسَّيِّيِٕۚ وَلَا يَحِيقُ ٱلۡمَكۡرُ ٱلسَّيِّئُ إِلَّا بِأَهۡلِهِۦۚ فَهَلۡ يَنظُرُونَ إِلَّا سُنَّتَ ٱلۡأَوَّلِينَۚ فَلَن تَجِدَ لِسُنَّتِ ٱللَّهِ تَبۡدِيلٗاۖ وَلَن تَجِدَ لِسُنَّتِ ٱللَّهِ تَحۡوِيلًا ﴿43﴾

Transliteration: Istikbaran fee alardi wamakra alssayyii wala yaheequ almakru alssayyio illa biahlihi fahal yanthuroona illa sunnata alawwaleena falan tajida lisunnati Allahi tabdeelan walan tajida lisunnati Allahi tahweelan

Translation: Ntibarahiye rero bemanga ukuri, ahubwo barahiye ku mvo zo kugira amanyama no kwihambaza ku bantu kw’isi, barondera gukwiragiza ubwononyi; kira noneho inkurikizi y’ubwononyi, igaruka kuri bene bwo. Mbega abakwiragiza ubwononyi kw’isi, hoba hari ikindi barindiriye atari uguhanwa nk’ab’aho hambere yabo! Ntumwa y’Imana! Genda ugendereze, nta hantu na hamwe uzosanga Twarigeze kudohoka ku ngingo yo guhana abagarariji bagenzwa n’ubwononyi.

35:44

أَوَلَمۡ يَسِيرُواْ فِي ٱلۡأَرۡضِ فَيَنظُرُواْ كَيۡفَ كَانَ عَٰقِبَةُ ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِمۡ وَكَانُوٓاْ أَشَدَّ مِنۡهُمۡ قُوَّةٗۚ وَمَا كَانَ ٱللَّهُ لِيُعۡجِزَهُۥ مِن شَيۡءٖ فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَلَا فِي ٱلۡأَرۡضِۚ إِنَّهُۥ كَانَ عَلِيمٗا قَدِيرٗا ﴿44﴾

Transliteration: Awalam yaseeroo fee alardi fayanthuroo kayfa kana AAaqibatu allatheena min qablihim wakanoo ashadda minhum quwwatan wama kana Allahu liyuAAjizahu min shayin fee alssamawati wala fee alardi innahu kana AAaleeman qadeeran

Translation: Mbega abagarariji b’i Makka, ntibaragendagenda kw’isi ngo birabire ukuntu iherezo ry’abahakanyi b’aho hambere yabo ryagenze! Kandi bari n’abantu bafise n’inguvu kubarusha[4], baragararije Imana Allah Ica Irabahonya. Imana Allah rero, nta na kimwe coyinanira ngo gicaruke aho coba kiri hose mu majuru canke mw’isi. Mu vy’ukuri Imana Allah, Yamye ari Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ibikorwa vy’ibiremwa, Mushoboravyose, Irashoboye no kubihonya.

35:45

وَلَوۡ يُؤَاخِذُ ٱللَّهُ ٱلنَّاسَ بِمَا كَسَبُواْ مَا تَرَكَ عَلَىٰ ظَهۡرِهَا مِن دَآبَّةٖ وَلَٰكِن يُؤَخِّرُهُمۡ إِلَىٰٓ أَجَلٖ مُّسَمّٗىۖ فَإِذَا جَآءَ أَجَلُهُمۡ فَإِنَّ ٱللَّهَ كَانَ بِعِبَادِهِۦ بَصِيرَۢا ﴿45﴾

Transliteration: Walaw yuakhithu Allahu alnnasa bima kasaboo ma taraka AAala thahriha min dabbatin walakin yuakhkhiruhum ila ajalin musamman faitha jaa ajaluhum fainna Allaha kana biAAibadihi baseeran

Translation: Iyo Imana Allah Yihutira guhana abantu ku vyaha vy'ivyo barondeye, ntiyari gusigaza kw’isi ikiremwa na kimwe kigendagenda, ariko rero Itenyenya kubahana gushika kw’isango ntarengwa ry’umwe wese muri bo ryo gupfa. Isango ry'umwe wese muri bo rero niryagera, Izohanira umwe wese ku vyo yakoze, mu vy’ukuri Imana Allah, Yamye Ibona neza ibikorwa vy’abaja bayo, ni Nyenukubona, kandi Izobibahembera.

Transliteration source: English Transliteration by Tanzil. Used under Tanzil's non-commercial terms; see the source and latest updates at Tanzil. Tanzil translation download