quranm◉

Surah Sad transliteration

◉ Sura · ∞

38:1

صٓۚ وَٱلۡقُرۡءَانِ ذِي ٱلذِّكۡرِ ﴿1﴾

Transliteration: Sad waalqurani thee alththikri

Translation: Swaad[1]. Jewe Allah, Ndarahiye kuri Qor’ani yibutsa abantu kwikebuka ku vyo bagosweko!

38:2

بَلِ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ فِي عِزَّةٖ وَشِقَاقٖ ﴿2﴾

Transliteration: Bali allatheena kafaroo fee AAizzatin washiqaqin

Translation: Ariko rero, abagararije bagira amanyama mu guhonyanga ukuri bagaca kubiri na kwo.

38:3

كَمۡ أَهۡلَكۡنَا مِن قَبۡلِهِم مِّن قَرۡنٖ فَنَادَواْ وَّلَاتَ حِينَ مَنَاصٖ ﴿3﴾

Transliteration: Kam ahlakna min qablihim min qarnin fanadaw walata heena manasin

Translation: Hari imigwi myinshi y’abantu Twahoneje hambere yabo, yatakamvye mu kwigaya igihe ishikirwa n’ibihano, ico gihe umwanya wo kwigaya wari wamaze kurengerana, nta n’ubukiriro yari igifise bwo guhunga nya bihano.

38:4

وَعَجِبُوٓاْ أَن جَآءَهُم مُّنذِرٞ مِّنۡهُمۡۖ وَقَالَ ٱلۡكَٰفِرُونَ هَٰذَا سَٰحِرٞ كَذَّابٌ ﴿4﴾

Transliteration: WaAAajiboo an jaahum munthirun minhum waqala alkafiroona hatha sahirun kaththabun

Translation: Abagarariji, baritangaje ku kurungikirwa Umugabisha avuye mu bantu nkabo, kugira abagabishe ku bihano vy’Imana Allah, yongere abararikire kuyemera, baraheza barinamura bati: “Uyu, ni umurozi karuhariwe mu kubesha;

38:5

أَجَعَلَ ٱلۡأٓلِهَةَ إِلَٰهٗا وَٰحِدًاۖ إِنَّ هَٰذَا لَشَيۡءٌ عُجَابٞ ﴿5﴾

Transliteration: AjaAAala alalihata ilahan wahidan inna hatha lashayon AAujabun

Translation: Karashize ingani, afate imana zacu azigire Imana Imwe Rudende, abe ari Yo aturarikira kwemera! Mu vy’ukuri, iryo rarikiramana ryiwe, ni ukuri ni ikintu gitangaje pe!”.

38:6

وَٱنطَلَقَ ٱلۡمَلَأُ مِنۡهُمۡ أَنِ ٱمۡشُواْ وَٱصۡبِرُواْ عَلَىٰٓ ءَالِهَتِكُمۡۖ إِنَّ هَٰذَا لَشَيۡءٞ يُرَادُ ﴿6﴾

Transliteration: Waintalaqa almalao minhum ani imshoo waisbiroo AAala alihatikum inna hatha lashayon yuradu

Translation: Indongozi z’abagararije zarahimirije abantu bazo gukomeza gutsimbatara mw’ibangikanyamana ziti: “Nimushishikare mutsimbatare mudahesha mu gusenga imana zanyu. Mu vy’ukuri inyigisho z’iyi Ntumwa, ni ukuri zifise ihangiro ryo kwiganza no kwigarurira ubutegetsi.

38:7

مَا سَمِعۡنَا بِهَٰذَا فِي ٱلۡمِلَّةِ ٱلۡأٓخِرَةِ إِنۡ هَٰذَآ إِلَّا ٱخۡتِلَٰقٌ ﴿7﴾

Transliteration: Ma samiAAna bihatha fee almillati alakhirati in hatha illa ikhtilaqun

Translation: Kuva na kera na rindi, nta ho twigeze twumva inyigisho nk’izo mw’idini rya ba data mu Bakorayishi canke mu banaswara. Izo nyigisho rero, si ikindi kiretse ko ari irementanya ryigendera!

38:8

أَءُنزِلَ عَلَيۡهِ ٱلذِّكۡرُ مِنۢ بَيۡنِنَاۚ بَلۡ هُمۡ فِي شَكّٖ مِّن ذِكۡرِيۚ بَل لَّمَّا يَذُوقُواْ عَذَابِ ﴿8﴾

Transliteration: Aonzila AAalayhi alththikru min baynina bal hum fee shakkin min thikree bal lamma yathooqoo AAathabi

Translation: Vyoshoboka gute ko Muhamadi ari we gusa muri twese yohishurirwa Qor’ani!”. Ntumwa y’Imana! Ahubwo rero abagarariji, bafise amakenga kw’ihishurirwa n’irungikwa vyawe. Ahubwo mbere binamura kuvuga ukwo, kuko batarahonja ibihano vyanje Jewe Allah.

38:9

أَمۡ عِندَهُمۡ خَزَآئِنُ رَحۡمَةِ رَبِّكَ ٱلۡعَزِيزِ ٱلۡوَهَّابِ ﴿9﴾

Transliteration: Am AAindahum khazainu rahmati rabbika alAAazeezi alwahhabi

Translation: Mbega none boba bagaba ibigega vy’impano z’Imana yawe Rurema Allah, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Bigaburo Iha uwo Ishatse mu ngabirano zayo Itarinze gusabwa!

38:10

أَمۡ لَهُم مُّلۡكُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَمَا بَيۡنَهُمَاۖ فَلۡيَرۡتَقُواْ فِي ٱلۡأَسۡبَٰبِ ﴿10﴾

Transliteration: Am lahum mulku alssamawati waalardi wama baynahuma falyartaqoo fee alasbabi

Translation: Canke boba bagaba bakaganza amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo, ku buryo bagaburira canke bakima uwo bashatse mu biremwa! Enda rero nibakore ibibashobokeye kugira bashike mw’ijuru, baheze rero bagaburire ibiremwa mu guha canke mu kwima uwo bashaka!

38:11

جُندٞ مَّا هُنَالِكَ مَهۡزُومٞ مِّنَ ٱلۡأَحۡزَابِ ﴿11﴾

Transliteration: Jundun ma hunalika mahzoomun mina alahzabi

Translation: Ingabo z’ababangikanyamana, zizoneshwa nk’uko ingabo ziyunze z’abo hambere yabo zaneshejwe;

38:12

كَذَّبَتۡ قَبۡلَهُمۡ قَوۡمُ نُوحٖ وَعَادٞ وَفِرۡعَوۡنُ ذُو ٱلۡأَوۡتَادِ ﴿12﴾

Transliteration: Kaththabat qablahum qawmu noohin waAAadun wafirAAawnu thoo alawtadi

Translation: Aho hambere yabo, harigeze kuba hari abahakanye bivuye inyuma: abantu ba Nuhu, Bene Aadi, Firawuni yari afise ingabo n’inguvu bidasanzwe;

38:13

وَثَمُودُ وَقَوۡمُ لُوطٖ وَأَصۡحَٰبُ لۡـَٔيۡكَةِۚ أُوْلَـٰٓئِكَ ٱلۡأَحۡزَابُ ﴿13﴾

Transliteration: Wathamoodu waqawmu lootin waashabu alaykati olaika alahzabu

Translation: Bene Thamuudi, abantu ba Luutwi hamwe rero n’abantu bo mu gisagara c’ibiti bitotahaye barungikiwe Shu’ayibu. Iyo migwi rero, ni yo migwi y’abantu biyunze mu bugarariji no mu buhakanyi;

38:14

إِن كُلٌّ إِلَّا كَذَّبَ ٱلرُّسُلَ فَحَقَّ عِقَابِ ﴿14﴾

Transliteration: In kullun illa kaththaba alrrusula fahaqqa AAiqabi

Translation: Umugwi wose muri yo, warahakanye wivuye inyuma Intumwa, uca uhabwa ibihano vyanje Jewe Allah.

38:15

وَمَا يَنظُرُ هَـٰٓؤُلَآءِ إِلَّا صَيۡحَةٗ وَٰحِدَةٗ مَّا لَهَا مِن فَوَاقٖ ﴿15﴾

Transliteration: Wama yanthuru haolai illa sayhatan wahidatan ma laha min fawaqin

Translation: Ababangikanyamana, nta n’ikindi barindiriye mu gihe boguma mw’ibangikanyamana, kiretse ivuzwa rimwe gusa ry’akaruru gahonya kadasubizwa inyuma.

38:16

وَقَالُواْ رَبَّنَا عَجِّل لَّنَا قِطَّنَا قَبۡلَ يَوۡمِ ٱلۡحِسَابِ ﴿16﴾

Transliteration: Waqaloo rabbana AAajjil lana qittana qabla yawmi alhisabi

Translation: Baranavuze batebura kw’iharurirwa ry’ibiremwa ku musi w’izuka bati: “Ewe Mana yacu Rurema Allah! Turagusavye Uduhe ibihano vyacu Watugeneye tukiri kw’isi, imbere yuko umusi w’iharurirwa ugera!”.

38:17

ٱصۡبِرۡ عَلَىٰ مَا يَقُولُونَ وَٱذۡكُرۡ عَبۡدَنَا دَاوُۥدَ ذَا ٱلۡأَيۡدِۖ إِنَّهُۥٓ أَوَّابٌ ﴿17﴾

Transliteration: Isbir AAala ma yaqooloona waothkur AAabdana dawooda tha alaydi innahu awwabun

Translation: Ntumwa y’Imana! Ihanganire ivyo bavuga bikubangamiye, uheze wibuke n’Umuja wacu Dawudi yaranzwe n’inguvu zo guhangana n’abansi ata guhesha, hamwe rero no kwihanganira igamburukiramana. Mu vy’ukuri, yarigaya cane akitura kenshi Imana Allah[2].

38:18

إِنَّا سَخَّرۡنَا ٱلۡجِبَالَ مَعَهُۥ يُسَبِّحۡنَ بِٱلۡعَشِيِّ وَٱلۡإِشۡرَاقِ ﴿18﴾

Transliteration: Inna sakhkharna aljibala maAAahu yusabbihna bialAAashiyyi waalishraqi

Translation: Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twatumye imisozi yitabira itazira n’ininahazamana ryagirwa na Dawudi umugoroba n’igitondo;

38:19

وَٱلطَّيۡرَ مَحۡشُورَةٗۖ كُلّٞ لَّهُۥٓ أَوَّابٞ ﴿19﴾

Transliteration: Waalttayra mahshooratan kullun lahu awwabun

Translation: Dutuma n’umugwi w’inyoni witabira nya tazira n’ininahazamana, ivyo vyose rero vyaramwumvira;

38:20

وَشَدَدۡنَا مُلۡكَهُۥ وَءَاتَيۡنَٰهُ ٱلۡحِكۡمَةَ وَفَصۡلَ ٱلۡخِطَابِ ﴿20﴾

Transliteration: Washadadna mulkahu waataynahu alhikmata wafasla alkhitabi

Translation: Twaranamutsimbatarije ubwami bwiwe kw’ijunja n’inguvu Twamuhaye, Tumuha n’ubutumwa hamwe no gutomora ijambo n’ingingo.

38:21

وَهَلۡ أَتَىٰكَ نَبَؤُاْ ٱلۡخَصۡمِ إِذۡ تَسَوَّرُواْ ٱلۡمِحۡرَابَ ﴿21﴾

Transliteration: Wahal ataka nabao alkhasmi ith tasawwaroo almihraba

Translation: Ntumwa y’Imana! Mbega warashikiriwe n’inkuru y’abantu babiri batase, igihe basimba urugo rw’aho Dawudi yasengera;

38:22

إِذۡ دَخَلُواْ عَلَىٰ دَاوُۥدَ فَفَزِعَ مِنۡهُمۡۖ قَالُواْ لَا تَخَفۡۖ خَصۡمَانِ بَغَىٰ بَعۡضُنَا عَلَىٰ بَعۡضٖ فَٱحۡكُم بَيۡنَنَا بِٱلۡحَقِّ وَلَا تُشۡطِطۡ وَٱهۡدِنَآ إِلَىٰ سَوَآءِ ٱلصِّرَٰطِ ﴿22﴾

Transliteration: Ith dakhaloo AAala dawooda fafaziAAa minhum qaloo la takhaf khasmani bagha baAAduna AAala baAAdin faohkum baynana bialhaqqi wala tushtit waihdina ila sawai alssirati

Translation: Baraheza bamwinjirirako aca agira ubwoba! Ni ho bamutururuza bati: “Tekana, ntugire ubwoba namba, twebwe twatase, aho umwe muri twebwe yarenganije uwundi; twaje kukwitura rero kugira udutunganirize vy’ukuri ata nkunzi, wongere uduhanure gukurikira inzira igororotseˮ.

38:23

إِنَّ هَٰذَآ أَخِي لَهُۥ تِسۡعٞ وَتِسۡعُونَ نَعۡجَةٗ وَلِيَ نَعۡجَةٞ وَٰحِدَةٞ فَقَالَ أَكۡفِلۡنِيهَا وَعَزَّنِي فِي ٱلۡخِطَابِ ﴿23﴾

Transliteration: Inna hatha akhee lahu tisAAun watisAAoona naAAjatan waliya naAAjatun wahidatun faqala akfilneeha waAAazzanee fee alkhitabi

Translation: Ni ho rero umwe muri bo yatangura kwigana avuga ati: “Mu vy’ukuri, uyu ni mwenewacu, afise intama mirongo icenda n’icenda, nanje nkaba mfise intama imwe rudende, akaba yagize inambu yo kuyinyaga, aca ambwira ati: “Mpa iyo ntamaˮ, maze aranzivya sinagira ayo ncira n’ayo miraˮ;

38:24

قَالَ لَقَدۡ ظَلَمَكَ بِسُؤَالِ نَعۡجَتِكَ إِلَىٰ نِعَاجِهِۦۖ وَإِنَّ كَثِيرٗا مِّنَ ٱلۡخُلَطَآءِ لَيَبۡغِي بَعۡضُهُمۡ عَلَىٰ بَعۡضٍ إِلَّا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّـٰلِحَٰتِ وَقَلِيلٞ مَّا هُمۡۗ وَظَنَّ دَاوُۥدُ أَنَّمَا فَتَنَّـٰهُ فَٱسۡتَغۡفَرَ رَبَّهُۥ وَخَرَّۤ رَاكِعٗاۤ وَأَنَابَ۩ ﴿24﴾

Transliteration: Qala laqad thalamaka bisuali naAAjatika ila niAAajihi wainna katheeran mina alkhulatai layabghee baAAduhum AAala baAAdin illa allatheena amanoo waAAamiloo alssalihati waqaleelun ma hum wathanna dawoodu annama fatannahu faistaghfara rabbahu wakharra rakiAAan waanaba

Translation: Dawudi aca avuga ati: “Ni ukuri, mwenewanyu yakurenganije mu kukunyaga intama yawe akayihagira, kandi abenshi mu basangiye amatungo, ni ukuri birashika bamwe muri bo bakarenganya abandi, havuyemwo gusa abemeramana bakora ivyiza bitegetswe, ntibarenganyana. Abo rero, ni bake cane mu bantuˮ. Dawudi yaratahuye ko Twebwe Allah, Twamugerageje mu kuba abo bantu baje kumwitwarako, ni ho yasaba imbabazi Imana yiwe Rurema Allah, aca arayubamira ashira uruhanga hasi, maze arigaya[3];

38:25

فَغَفَرۡنَا لَهُۥ ذَٰلِكَۖ وَإِنَّ لَهُۥ عِندَنَا لَزُلۡفَىٰ وَحُسۡنَ مَـَٔابٖ ﴿25﴾

Transliteration: Faghafarna lahu thalika wainna lahu AAindana lazulfa wahusna maabin

Translation: Twaciye Tumugumiriza akabanga Turanamubabarira ivyaha vyiwe. Mu vy’ukuri Dawudi, ni ukuri ari mu batonye kuri Twebwe Allah, ari no mu bagenewe uburuhukiro bwiza mu buzima bw’inyuma yo gupfa.

38:26

يَٰدَاوُۥدُ إِنَّا جَعَلۡنَٰكَ خَلِيفَةٗ فِي ٱلۡأَرۡضِ فَٱحۡكُم بَيۡنَ ٱلنَّاسِ بِٱلۡحَقِّ وَلَا تَتَّبِعِ ٱلۡهَوَىٰ فَيُضِلَّكَ عَن سَبِيلِ ٱللَّهِۚ إِنَّ ٱلَّذِينَ يَضِلُّونَ عَن سَبِيلِ ٱللَّهِ لَهُمۡ عَذَابٞ شَدِيدُۢ بِمَا نَسُواْ يَوۡمَ ٱلۡحِسَابِ ﴿26﴾

Transliteration: Ya dawoodu inna jaAAalnaka khaleefatan fee alardi faohkum bayna alnnasi bialhaqqi wala tattabiAAi alhawa fayudillaka AAan sabeeli Allahi inna allatheena yadilloona AAan sabeeli Allahi lahum AAathabun shadeedun bima nasoo yawma alhisabi

Translation: Ni ho rero Twamubwira Duti: “Ewe Dawudi! Mu vy’ukuri, Tukugize icariho cacu mu kukugira umwami kw’isi. Kubera ivyo rero, tunganiriza abantu vy’ukuri ata nkunzi, kandi ntugakurikire ivyipfuzo vyawe mu gufata ingingo, kuko vyoguhubisha inzira y’amabwirizwa y’idini ry’Imana Allah. Mu vy’ukuri abahuba inzira y’amabwirizwa y’idini ry’Imana Allah, barategekanirijwe ibihano bikaze, kuko birengagije umusi w’iharurirwa ry’ibiremwa[4]ˮ.

38:27

وَمَا خَلَقۡنَا ٱلسَّمَآءَ وَٱلۡأَرۡضَ وَمَا بَيۡنَهُمَا بَٰطِلٗاۚ ذَٰلِكَ ظَنُّ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْۚ فَوَيۡلٞ لِّلَّذِينَ كَفَرُواْ مِنَ ٱلنَّارِ ﴿27﴾

Transliteration: Wama khalaqna alssamaa waalarda wama baynahuma batilan thalika thannu allatheena kafaroo fawaylun lillatheena kafaroo mina alnnari

Translation: Ntitwaremye ijuru n’isi n’ibiri hagati yavyo ku gufyinata, ukwo ni ko abagararije bibwira ko Twabiremye. Ibihano nya bihano vyo mu muriro rero, vyagenewe abagarariji badategera intumbero y’Imana Allah mu kurema ijuru n’isi.

38:28

أَمۡ نَجۡعَلُ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّـٰلِحَٰتِ كَٱلۡمُفۡسِدِينَ فِي ٱلۡأَرۡضِ أَمۡ نَجۡعَلُ ٱلۡمُتَّقِينَ كَٱلۡفُجَّارِ ﴿28﴾

Transliteration: Am najAAalu allatheena amanoo waAAamiloo alssalihati kaalmufsideena fee alardi am najAAalu almuttaqeena kaalfujjari

Translation: Mbega burya Twogira abemeye bagakora n’ivyiza bitegetswe nk’abagenzwa n’ubwononyi kw’isi, canke Twogira abagamburukiramana nk’abanyavyaha! Eka nta ho basa basana mu butoni n’ubutore ku Mana Allah.

38:29

كِتَٰبٌ أَنزَلۡنَٰهُ إِلَيۡكَ مُبَٰرَكٞ لِّيَدَّبَّرُوٓاْ ءَايَٰتِهِۦ وَلِيَتَذَكَّرَ أُوْلُواْ ٱلۡأَلۡبَٰبِ ﴿29﴾

Transliteration: Kitabun anzalnahu ilayka mubarakun liyaddabbaroo ayatihi waliyatathakkara oloo alalbabi

Translation: Ntumwa y’Imana! Ivyo wahishuriwe, ni Igitabu gihezagiye Twakumanuriye, kugira abantu bazigame Aayah zaco baheze bazigendere, no kugira incabwenge koko zibuke zishire mu ngiro amabwirizwa y’Imana Allah.

38:30

وَوَهَبۡنَا لِدَاوُۥدَ سُلَيۡمَٰنَۚ نِعۡمَ ٱلۡعَبۡدُ إِنَّهُۥٓ أَوَّابٌ ﴿30﴾

Transliteration: Wawahabna lidawooda sulaymana niAAma alAAabdu innahu awwabun

Translation: Dawudi rero, Twaranamuronkeje umwana yitwa Sulayimani, yari Umuja mwiza yatewe iteka akarigendera koko; mu vy’ukuri, yarigaya cane akitura kenshi Imana Allah;

38:31

إِذۡ عُرِضَ عَلَيۡهِ بِٱلۡعَشِيِّ ٱلصَّـٰفِنَٰتُ ٱلۡجِيَادُ ﴿31﴾

Transliteration: Ith AAurida AAalayhi bialAAashiyyi alssafinatu aljiyadu

Translation: Ibuka aho Sulayimani yagenzura ifarasi z’akarorero zigishijwe, agahera ku muhingamo gushika ku kirengazuba;

38:32

فَقَالَ إِنِّيٓ أَحۡبَبۡتُ حُبَّ ٱلۡخَيۡرِ عَن ذِكۡرِ رَبِّي حَتَّىٰ تَوَارَتۡ بِٱلۡحِجَابِ ﴿32﴾

Transliteration: Faqala innee ahbabtu hubba alkhayri AAan thikri rabbee hatta tawarat bialhijabi

Translation: Maze akavuga yiregura ati: “Mu vy’ukuri, jewe nahisemwo gukunda ifarasi, maze ndasamara sinibuka gutazira no kuninahaza Imana yanje Rurema Allah, gushika n’aho izuba rirenga;

38:33

رُدُّوهَا عَلَيَّۖ فَطَفِقَ مَسۡحَۢا بِٱلسُّوقِ وَٱلۡأَعۡنَاقِ ﴿33﴾

Transliteration: Ruddooha AAalayya fatafiqa mashan bialssooqi waalaAAnaqi

Translation: Ngarukanira za farasi zose nagenzuraˮ. Ni ho rero nya farasi zagarukanwa, maze azitanga ikimazi[5] aca arazica imitsi arazikerera, kuko zatumye isengesho rimucika.

38:34

وَلَقَدۡ فَتَنَّا سُلَيۡمَٰنَ وَأَلۡقَيۡنَا عَلَىٰ كُرۡسِيِّهِۦ جَسَدٗا ثُمَّ أَنَابَ ﴿34﴾

Transliteration: Walaqad fatanna sulaymana waalqayna AAala kursiyyihi jasadan thumma anaba

Translation: Ni ukuri, Twaragerageje Sulayimani, maze Dukororera ku ntebe yiwe umwana afise urubavu rumwe yavutse atageze[6], ni ho yagaruka ku Mana Allah arigaya;

38:35

قَالَ رَبِّ ٱغۡفِرۡ لِي وَهَبۡ لِي مُلۡكٗا لَّا يَنۢبَغِي لِأَحَدٖ مِّنۢ بَعۡدِيٓۖ إِنَّكَ أَنتَ ٱلۡوَهَّابُ ﴿35﴾

Transliteration: Qala rabbi ighfir lee wahab lee mulkan la yanbaghee liahadin min baAAdee innaka anta alwahhabu

Translation: Araheza avuga mu kwigaya kwiwe ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ngumiriza akabanga Umbabarire ivyaha, Umpe n’ubwami buhambaye Utazokwigera Uha n’umwe mu bantu bo mu nyuma zanje. Mu vy’ukuri, Wewe Uri Bigaburoˮ.

38:36

فَسَخَّرۡنَا لَهُ ٱلرِّيحَ تَجۡرِي بِأَمۡرِهِۦ رُخَآءً حَيۡثُ أَصَابَ ﴿36﴾

Transliteration: Fasakhkharna lahu alrreeha tajree biamrihi rukhaan haythu asaba

Translation: Ni ho rero Twamwakirira igisabisho ciwe, Tumworohereza kwikora ku muyaga, ukamwumvira mu gihe cose awutegetse kumujana aho hose ashaka;

38:37

وَٱلشَّيَٰطِينَ كُلَّ بَنَّآءٖ وَغَوَّاصٖ ﴿37﴾

Transliteration: Waalshshayateena kulla bannain waghawwasin

Translation: Tumworohereza no gukoresha amashetani mu bikorwa vyiwe vya misi yose; muri yo, harimwo ayubaka n’ayibira mw’ibahari;

38:38

وَءَاخَرِينَ مُقَرَّنِينَ فِي ٱلۡأَصۡفَادِ ﴿38﴾

Transliteration: Waakhareena muqarraneena fee alasfadi

Translation: Hakaba rero n’ayandi mashetani ruhebwa yabohesha amapingu.

38:39

هَٰذَا عَطَآؤُنَا فَٱمۡنُنۡ أَوۡ أَمۡسِكۡ بِغَيۡرِ حِسَابٖ ﴿39﴾

Transliteration: Hatha AAataona faomnun aw amsik bighayri hisabin

Translation: Ubu bwami buhambaye n’iyoroherezwa ryo kwikora ku muyaga no ku mashetani, ni impano yacu kuri wewe Sulayimani, uratanga utitangira, uhe uwo ushatse, wime uwo ushatse, nta wuzoguciramwo.

38:40

وَإِنَّ لَهُۥ عِندَنَا لَزُلۡفَىٰ وَحُسۡنَ مَـَٔابٖ ﴿40﴾

Transliteration: Wainna lahu AAindana lazulfa wahusna maabin

Translation: Mu vy’ukuri Sulayimani, ni ukuri ari mu batonye kuri Twebwe Allah, ari no mu bagenewe uburuhukiro bwiza mu buzima bw’inyuma yo gupfa.

38:41

وَٱذۡكُرۡ عَبۡدَنَآ أَيُّوبَ إِذۡ نَادَىٰ رَبَّهُۥٓ أَنِّي مَسَّنِيَ ٱلشَّيۡطَٰنُ بِنُصۡبٖ وَعَذَابٍ ﴿41﴾

Transliteration: Waothkur AAabdana ayyooba ith nada rabbahu annee massaniya alshshaytanu binusbin waAAathabin

Translation: Ntumwa y’Imana! Ibuka n’Umuja wacu Ayubu igihe yasaba gukira umuniho, atakambira Imana yiwe Rurema Allah, avuga ati: “Mu vy’ukuri shetani, yanteye umuruho n’ububabare budasanzwe buturutse ku ndwara no ku kwangara kw’umuryango wanje, hamwe rero no guhona kw’amatungo yanjeˮ;

38:42

ٱرۡكُضۡ بِرِجۡلِكَۖ هَٰذَا مُغۡتَسَلُۢ بَارِدٞ وَشَرَابٞ ﴿42﴾

Transliteration: Orkud birijlika hatha mughtasalun baridun washarabun

Translation: Turaheza Tubwira Ayubu Duti: “Dida ikirenge cawe hasi, haca hadudubiza amazi akanye, uheze uyanyweko wongere uyiyuhagire, indwara ice ikiraˮ.

38:43

وَوَهَبۡنَا لَهُۥٓ أَهۡلَهُۥ وَمِثۡلَهُم مَّعَهُمۡ رَحۡمَةٗ مِّنَّا وَذِكۡرَىٰ لِأُوْلِي ٱلۡأَلۡبَٰبِ ﴿43﴾

Transliteration: Wawahabna lahu ahlahu wamithlahum maAAahum rahmatan minna wathikra liolee alalbabi

Translation: Ni ho rero Twamukiza nya ndwara, Tukamutera n’iteka ryo gusubizwa abangaye mu bana no mu bagore, Tumurengerezako n’abandi nk’abo mu bana no mu buzukuru. Ivyo vyose rero, Twabigize ku mpuhwe zacu mu kumuhembera ukwihanganira igeragezwa ryamushikiye, no kugira rero bibere urwibutso incabwenge koko, ziheze zimenye ko ukwihangana gushikana umuntu ku ntsinzi.

38:44

وَخُذۡ بِيَدِكَ ضِغۡثٗا فَٱضۡرِب بِّهِۦ وَلَا تَحۡنَثۡۗ إِنَّا وَجَدۡنَٰهُ صَابِرٗاۚ نِّعۡمَ ٱلۡعَبۡدُ إِنَّهُۥٓ أَوَّابٞ ﴿44﴾

Transliteration: Wakhuth biyadika dighthan faidrib bihi wala tahnath inna wajadnahu sabiran niAAma alAAabdu innahu awwabun

Translation: Maze Tumubwira kandi Duti: “Fata umukama w’ubwatsi uwukubitishe umukenyezi wawe, mu gushira mu ngiro indahiro yawe kugira ntuyirengeko[7]ˮ. Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twasanze Ayubu ari umuntu yihanganira koko igeragezwa, yari n’Umuja mwiza, yatewe iteka akarigendera koko. Mu vy’ukuri, yarigaya cane akagaruka kenshi ku Mana Allah.

38:45

وَٱذۡكُرۡ عِبَٰدَنَآ إِبۡرَٰهِيمَ وَإِسۡحَٰقَ وَيَعۡقُوبَ أُوْلِي ٱلۡأَيۡدِي وَٱلۡأَبۡصَٰرِ ﴿45﴾

Transliteration: Waothkur AAibadana ibraheema waishaqa wayaAAqooba olee alaydee waalabsari

Translation: Ntumwa y’Imana! Ibuka kandi Abaja bacu: Ibrahimu, Is-haka na Yakubu, baranzwe n’ishaka n’umwete bidasanzwe kw’iyumviramana hamwe n’ubumenyi budasanzwe mw’idini;

38:46

إِنَّآ أَخۡلَصۡنَٰهُم بِخَالِصَةٖ ذِكۡرَى ٱلدَّارِ ﴿46﴾

Transliteration: Inna akhlasnahum bikhalisatin thikra alddari

Translation: Mu vy’ukuri Twabahisemwo mu bandi, mu kubatera iteka ryo kwama bibuka gukorera ubuzima bw’inyuma yo gupfa[8];

38:47

وَإِنَّهُمۡ عِندَنَا لَمِنَ ٱلۡمُصۡطَفَيۡنَ ٱلۡأَخۡيَارِ ﴿47﴾

Transliteration: Wainnahum AAindana lamina almustafayna alakhyari

Translation: Mu vy’ukuri abo, ni ukuri bari mu bo Twahisemwo Tukabagira Intumwa n’intore mu kutwumvira.

38:48

وَٱذۡكُرۡ إِسۡمَٰعِيلَ وَٱلۡيَسَعَ وَذَا ٱلۡكِفۡلِۖ وَكُلّٞ مِّنَ ٱلۡأَخۡيَارِ ﴿48﴾

Transliteration: Waothkur ismaAAeela wailyasaAAa watha alkifli wakullun mina alakhyari

Translation: Ntumwa y’Imana! Ongera wibuke Abaja bacu: Ismayili, Al-Yasa’a na Dhu l-Kifli, umwe wese muri bo, ni ukuri yari mu ntore zatewe iteka mu biremwa vy’Imana Allah.

38:49

هَٰذَا ذِكۡرٞۚ وَإِنَّ لِلۡمُتَّقِينَ لَحُسۡنَ مَـَٔابٖ ﴿49﴾

Transliteration: Hatha thikrun wainna lilmuttaqeena lahusna maabin

Translation: Ntumwa y’Imana! Iyi Qor’ani, ni iteka n’urwibutso kuri wewe no ku bantu bawe warungitsweko. Mu vy’ukuri abagamburukiramana, ni ukuri baragenewe uburuhukiro bwiza;

38:50

جَنَّـٰتِ عَدۡنٖ مُّفَتَّحَةٗ لَّهُمُ ٱلۡأَبۡوَٰبُ ﴿50﴾

Transliteration: Jannati AAadnin mufattahatan lahumu alabwabu

Translation: Ubwo buruhukiro bukaba ari imirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru rya “Adeni” bazokwugururirwa imiryango yabwo;

38:51

مُتَّكِـِٔينَ فِيهَا يَدۡعُونَ فِيهَا بِفَٰكِهَةٖ كَثِيرَةٖ وَشَرَابٖ ﴿51﴾

Transliteration: Muttakieena feeha yadAAoona feeha bifakihatin katheeratin washarabin

Translation: Aho bazoba bicaye ku nyegamo zisharije, basaba guherezwa ivyo bipfuza mu vyamwa vy’ubwoko bwinshi hamwe n’ibinyobwa bitandukanye;

38:52

وَعِندَهُمۡ قَٰصِرَٰتُ ٱلطَّرۡفِ أَتۡرَابٌ ﴿52﴾

Transliteration: WaAAindahum qasiratu alttarfi atrabun

Translation: Muri nya Bwami, bazoba bafise n’abakenyezi bagumiza akajisho ku bagabo babo, bari mu runganwe rumwe n’urugero rumwe.

38:53

هَٰذَا مَا تُوعَدُونَ لِيَوۡمِ ٱلۡحِسَابِ ﴿53﴾

Transliteration: Hatha ma tooAAadoona liyawmi alhisabi

Translation: Bagamburukiramana! Izo nema rero, ziri mu vyo musezeraniwe kuzoronka ku musi w’iharurirwa ry’ibiremwa;

38:54

إِنَّ هَٰذَا لَرِزۡقُنَا مَا لَهُۥ مِن نَّفَادٍ ﴿54﴾

Transliteration: Inna hatha larizquna ma lahu min nafadin

Translation: Mu vy’ukuri, izo ni zo mpano zacu kuri mwebwe, ntizigera zishira canke ngo zikehe;

38:55

هَٰذَاۚ وَإِنَّ لِلطَّـٰغِينَ لَشَرَّ مَـَٔابٖ ﴿55﴾

Transliteration: Hatha wainna lilttagheena lasharra maabin

Translation: Izo rero, ni zo mpano zagenewe abagamburukiramana. Nayo abimonogoje mu bugarariji, ni ukuri bagenewe uburuhukiro bubi cane;

38:56

جَهَنَّمَ يَصۡلَوۡنَهَا فَبِئۡسَ ٱلۡمِهَادُ ﴿56﴾

Transliteration: Jahannama yaslawnaha fabisa almihadu

Translation: Ubwo buruhukiro bukaba ari umuriro wa Jahannamu, bazokwinjira maze bakawota. Ubwo rero, ni bwo busaswa bubi cane bubaho;

38:57

هَٰذَا فَلۡيَذُوقُوهُ حَمِيمٞ وَغَسَّاقٞ ﴿57﴾

Transliteration: Hatha falyathooqoohu hameemun waghassaqun

Translation: Ibi, ni vyo bihano bazohonja; ukunywa amazi asebuye akaryimara, urwuya hamwe n’amashira bitemba biva mu mibiri y’abantu bo mu muriro udahera;

38:58

وَءَاخَرُ مِن شَكۡلِهِۦٓ أَزۡوَٰجٌ ﴿58﴾

Transliteration: Waakharu min shaklihi azwajun

Translation: Bazohabwa n’ibindi bihano rero nk’ivyo vy’ubwoko bwose.

38:59

هَٰذَا فَوۡجٞ مُّقۡتَحِمٞ مَّعَكُمۡ لَا مَرۡحَبَۢا بِهِمۡۚ إِنَّهُمۡ صَالُواْ ٱلنَّارِ ﴿59﴾

Transliteration: Hatha fawjun muqtahimun maAAakum la marhaban bihim innahum saloo alnnari

Translation: Igihe abimonogoje mu bugarariji binjiye mu muriro, bazotanako umwikomo, maze babwirane hagati yabo bati: “Ng’uwo umugwi w’abantu isinzi, utegerezwa kwinjirana na mwe mu muriro udaheraˮ. Abari muri uwo muriro bazobishura bati: “Ntibagahabwe ikaze, ntibakagire uburaro n’uburamuko mu muriro, ni ukuri nibinjire mu muriro baheze bawote nkatweˮ;

38:60

قَالُواْ بَلۡ أَنتُمۡ لَا مَرۡحَبَۢا بِكُمۡۖ أَنتُمۡ قَدَّمۡتُمُوهُ لَنَاۖ فَبِئۡسَ ٱلۡقَرَارُ ﴿60﴾

Transliteration: Qaloo bal antum la marhaban bikum antum qaddamtumoohu lana fabisa alqararu

Translation: Abumviye abimonogoje mu bugarariji bakabakurikira, bazosubizayo bati: “Ahubwo mwebwe nyabuna ntimugahabwe ikaze, kuko ari mwebwe mwaduhubishije kw’isi mugatuma twinjira muri woˮ. Umuriro udahera rero, ni bwo buraro n’uburamuko bubi cane bubaho;

38:61

قَالُواْ رَبَّنَا مَن قَدَّمَ لَنَا هَٰذَا فَزِدۡهُ عَذَابٗا ضِعۡفٗا فِي ٱلنَّارِ ﴿61﴾

Transliteration: Qaloo rabbana man qaddama lana hatha fazidhu AAathaban diAAfan fee alnnari

Translation: Abumviye abimonogoje mu bugarariji, bazobandanya basabira ababahubishije, ko bohanwa vy’akarorero bati: “Mana yacu Rurema Allah! Abaduhubishije inzira yawe kw’isi, turagusavye ubongerereze ibihano ku bindi mu muriro udaheraˮ.

38:62

وَقَالُواْ مَا لَنَا لَا نَرَىٰ رِجَالٗا كُنَّا نَعُدُّهُم مِّنَ ٱلۡأَشۡرَارِ ﴿62﴾

Transliteration: Waqaloo ma lana la nara rijalan kunna naAAudduhum mina alashrari

Translation: Abimonogoje mu bugarariji na bo, bazovuga bitangaza bati: “Mbega vyagenze gute ko mu muriro tutabonayo abantu twahora duharura kw’isi ko bari mu banyavyaha!

38:63

أَتَّخَذۡنَٰهُمۡ سِخۡرِيًّا أَمۡ زَاغَتۡ عَنۡهُمُ ٱلۡأَبۡصَٰرُ ﴿63﴾

Transliteration: Attakhathnahum sikhriyyan am zaghat AAanhumu alabsaru

Translation: Mbega twoba twarabihenzeko mu kubateburako tubasuzugura, canke twoba tudashoboye gusa kubabona kandi bari kumwe na twe mu muriro!ˮ.

38:64

إِنَّ ذَٰلِكَ لَحَقّٞ تَخَاصُمُ أَهۡلِ ٱلنَّارِ ﴿64﴾

Transliteration: Inna thalika lahaqqun takhasumu ahli alnnari

Translation: Iryo tanako ry’umwikomo hagati y’abantu bo mu muriro, nta nkeka ko ari iry’ukuri kandi rizoshika.

38:65

قُلۡ إِنَّمَآ أَنَا۠ مُنذِرٞۖ وَمَا مِنۡ إِلَٰهٍ إِلَّا ٱللَّهُ ٱلۡوَٰحِدُ ٱلۡقَهَّارُ ﴿65﴾

Transliteration: Qul innama ana munthirun wama min ilahin illa Allahu alwahidu alqahharu

Translation: Ntumwa y’Imana! Bwira abantu bawe warungitsweko uti: “Ni ukuri jewe, ndi Umugabisha kuri mwebwe ku bihano vy’Imana Allah, nta mana ibwirijwe gusengwa vy’ukuri atari Imana Allah Nyarudende[9], Nyeninkomezi-ntangere;

38:66

رَبُّ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَمَا بَيۡنَهُمَا ٱلۡعَزِيزُ ٱلۡغَفَّـٰرُ ﴿66﴾

Transliteration: Rabbu alssamawati waalardi wama baynahuma alAAazeezu alghaffaru

Translation: Ni Yo Mana Rurema Ikaba n’Umubungabunzi w’amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazinyinshiˮ.

38:67

قُلۡ هُوَ نَبَؤٌاْ عَظِيمٌ ﴿67﴾

Transliteration: Qul huwa nabaon AAatheemun

Translation: Ntumwa y’Imana! Bwira abantu bawe warungitsweko uti: “Iyi Qor’ani, ni inkuru ihambaye, ngirakamaro cane;

38:68

أَنتُمۡ عَنۡهُ مُعۡرِضُونَ ﴿68﴾

Transliteration: Antum AAanhu muAAridoona

Translation: Mwebwe mwirengagiza kuyitegera no kuyigendera;

38:69

مَا كَانَ لِيَ مِنۡ عِلۡمِۭ بِٱلۡمَلَإِ ٱلۡأَعۡلَىٰٓ إِذۡ يَخۡتَصِمُونَ ﴿69﴾

Transliteration: Ma kana liya min AAilmin bialmalai alaAAla ith yakhtasimoona

Translation: Nta bumenyi nogira ku vyerekeye uruhara rw’abamalayika kw’iremwa rya Adamu, kiretse ivyo nahishuriwe n’Imana Allah;

38:70

إِن يُوحَىٰٓ إِلَيَّ إِلَّآ أَنَّمَآ أَنَا۠ نَذِيرٞ مُّبِينٌ ﴿70﴾

Transliteration: In yooha ilayya illa annama ana natheerun mubeenun

Translation: Nta co Impishurira ngo menye ivyo ntari nzi, atari uko ndi Umugabisha ku bihano vyayo, ntomora amabwirizwa yayoˮ.

38:71

إِذۡ قَالَ رَبُّكَ لِلۡمَلَـٰٓئِكَةِ إِنِّي خَٰلِقُۢ بَشَرٗا مِّن طِينٖ ﴿71﴾

Transliteration: Ith qala rabbuka lilmalaikati innee khaliqun basharan min teenin

Translation: Ntumwa y’Imana! Ibutsa abo warungitsweko, igihe Imana yawe Rurema Allah Yabwira abamalayika Iti: “Mu vy’ukuri, Jewe Ngira Ndeme umuntu mw’ivu;

38:72

فَإِذَا سَوَّيۡتُهُۥ وَنَفَخۡتُ فِيهِ مِن رُّوحِي فَقَعُواْ لَهُۥ سَٰجِدِينَ ﴿72﴾

Transliteration: Faitha sawwaytuhu wanafakhtu feehi min roohee faqaAAoo lahu sajideena

Translation: Ninamara gutunganya indemo y’umubiri wiwe, nkamuhuhiramwo n’inkomoko y’ubuzima “Roho” akaba muzima, muraheza rero mumuhe icubahiro kimukwiye mu kumwubamira[10]”.

38:73

فَسَجَدَ ٱلۡمَلَـٰٓئِكَةُ كُلُّهُمۡ أَجۡمَعُونَ ﴿73﴾

Transliteration: Fasajada almalaikatu kulluhum ajmaAAoona

Translation: Abamalayika baraheza baragamburuka bose barubama;

38:74

إِلَّآ إِبۡلِيسَ ٱسۡتَكۡبَرَ وَكَانَ مِنَ ٱلۡكَٰفِرِينَ ﴿74﴾

Transliteration: Illa ibleesa istakbara wakana mina alkafireena

Translation: Kiretse Ibilisi, yanse n’amanyama n’akantu kumwubamira, gutyo aca aba mu bagarariji;

38:75

قَالَ يَـٰٓإِبۡلِيسُ مَا مَنَعَكَ أَن تَسۡجُدَ لِمَا خَلَقۡتُ بِيَدَيَّۖ أَسۡتَكۡبَرۡتَ أَمۡ كُنتَ مِنَ ٱلۡعَالِينَ ﴿75﴾

Transliteration: Qala ya ibleesu ma manaAAaka an tasjuda lima khalaqtu biyadayya astakbarta am kunta mina alAAaleena

Translation: Imana Allah Iraheza Ibaza Ibilisi icatumye atubama Iti: “Ewe Ibilisi! Ni igiki cakubujije kwubamira ikiremwa Niremeye n’amaboko yanje[11]! Wabigize ku manyama n’agasuzuguro, canke uri mu bihambaza ku Mana yawe Rurema!”.

38:76

قَالَ أَنَا۠ خَيۡرٞ مِّنۡهُ خَلَقۡتَنِي مِن نَّارٖ وَخَلَقۡتَهُۥ مِن طِينٖ ﴿76﴾

Transliteration: Qala ana khayrun minhu khalaqtanee min narin wakhalaqtahu min teenin

Translation: Ibilisi yishuye n’amanyama n’akantu ati: “Sinubamiye ico kiremwa kuko jewe ndi intore kugisumba, Wandemye mu rubeya rw’umuriro, na co Ukirema mw’ivu!”.

38:77

قَالَ فَٱخۡرُجۡ مِنۡهَا فَإِنَّكَ رَجِيمٞ ﴿77﴾

Transliteration: Qala faokhruj minha fainnaka rajeemun

Translation: Imana Allah, Iraheza Ibwira Ibilisi Iti: “Kubera ivyo rero, va mu Bwami bw’ijuru, kuko wewe mu vy’ukuri uravumwe;

38:78

وَإِنَّ عَلَيۡكَ لَعۡنَتِيٓ إِلَىٰ يَوۡمِ ٱلدِّينِ ﴿78﴾

Transliteration: Wainna AAalayka laAAnatee ila yawmi alddeeni

Translation: Ni ukuri uzobaho mw’ivumwe ryanje, gushika ku musi w’iharurirwa n’impera”.

38:79

قَالَ رَبِّ فَأَنظِرۡنِيٓ إِلَىٰ يَوۡمِ يُبۡعَثُونَ ﴿79﴾

Transliteration: Qala rabbi faanthirnee ila yawmi yubAAathoona

Translation: Ibilisi abonye ko kabaye, yavuze ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ndagusavye Umpe kuramba gushika ku musi w’izuka ry’ibiremwa”.

38:80

قَالَ فَإِنَّكَ مِنَ ٱلۡمُنظَرِينَ ﴿80﴾

Transliteration: Qala fainnaka mina almunthareena

Translation: Imana Allah Iraheza Imwishura Iti: “Mu vy’ukuri, wewe uri mu bazoramba;

38:81

إِلَىٰ يَوۡمِ ٱلۡوَقۡتِ ٱلۡمَعۡلُومِ ﴿81﴾

Transliteration: Ila yawmi alwaqti almaAAloomi

Translation: Gushika ku musi w’isango nyezina, rizwi ryo guhonya ibiremwa vyose”.

38:82

قَالَ فَبِعِزَّتِكَ لَأُغۡوِيَنَّهُمۡ أَجۡمَعِينَ ﴿82﴾

Transliteration: Qala fabiAAizzatika laoghwiyannahum ajmaAAeena

Translation: Ni ho Ibilisi yavuga n’agahigihigi n’akantu ati: “Ndarahiye ku cubahiro c’iteka ryawe, ni ukuri ntegerezwa guhubisha Bene Adamu;

38:83

إِلَّا عِبَادَكَ مِنۡهُمُ ٱلۡمُخۡلَصِينَ ﴿83﴾

Transliteration: Illa AAibadaka minhumu almukhlaseena

Translation: Kiretse gusa abo Wejeje mu baja bawe, Ukabaha ubudahangarwa, ku buryo ata nzira n’imwe yo kubahubisha noronka ncamwo”.

38:84

قَالَ فَٱلۡحَقُّ وَٱلۡحَقَّ أَقُولُ ﴿84﴾

Transliteration: Qala faalhaqqu waalhaqqa aqoolu

Translation: Imana Allah Yavuze Iti: “Uku ni ukuri kuvuye kuri Jewe Allah, kanatsinda sinigera Mvuga atari ukuri;

38:85

لَأَمۡلَأَنَّ جَهَنَّمَ مِنكَ وَمِمَّن تَبِعَكَ مِنۡهُمۡ أَجۡمَعِينَ ﴿85﴾

Transliteration: Laamlaanna jahannama minka wamimman tabiAAaka minhum ajmaAAeena

Translation: Ni ukuri Nzokwuzuza mu muriro wa Jahannamu, uruvyaro rugukomokako hamwe n’abazogukurikira bose muri Bene Adamu”.

38:86

قُلۡ مَآ أَسۡـَٔلُكُمۡ عَلَيۡهِ مِنۡ أَجۡرٖ وَمَآ أَنَا۠ مِنَ ٱلۡمُتَكَلِّفِينَ ﴿86﴾

Transliteration: Qul ma asalukum AAalayhi min ajrin wama ana mina almutakallifeena

Translation: Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Nta mpembo ndabasavye kw’ishikirizabutumwa ryanje, eka si ndi no mu barementanya bihatira gushikiriza ivyo batahishuriwe”.

38:87

إِنۡ هُوَ إِلَّا ذِكۡرٞ لِّلۡعَٰلَمِينَ ﴿87﴾

Transliteration: In huwa illa thikrun lilAAalameena

Translation: Iyi Qor’ani rero, si ikindi kiretse ko ari urwibutso ku biremwa; abantu n’amajini kugira vyikebuke mu gukora ivyobigirira akamaro mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa.

38:88

وَلَتَعۡلَمُنَّ نَبَأَهُۥ بَعۡدَ حِينِۭ ﴿88﴾

Transliteration: WalataAAlamunna nabaahu baAAda heenin

Translation: Babangikanyamana! Ni ukuri muzomenya ukuri kw’inkuru ya Qor’ani igihe ubwislamu bwatsinze, maze abantu bakabwinjiramwo ari imigwimigwi; n’igihe rero mwahaniwe kuyigarariza, ata wuronka ayo acira n’ayo amira.

Transliteration source: English Transliteration by Tanzil. Used under Tanzil's non-commercial terms; see the source and latest updates at Tanzil. Tanzil translation download