quranm◉

Surah Al-Mumtahanah transliteration

◉ Sura · ∞

60:1

يَـٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ لَا تَتَّخِذُواْ عَدُوِّي وَعَدُوَّكُمۡ أَوۡلِيَآءَ تُلۡقُونَ إِلَيۡهِم بِٱلۡمَوَدَّةِ وَقَدۡ كَفَرُواْ بِمَا جَآءَكُم مِّنَ ٱلۡحَقِّ يُخۡرِجُونَ ٱلرَّسُولَ وَإِيَّاكُمۡ أَن تُؤۡمِنُواْ بِٱللَّهِ رَبِّكُمۡ إِن كُنتُمۡ خَرَجۡتُمۡ جِهَٰدٗا فِي سَبِيلِي وَٱبۡتِغَآءَ مَرۡضَاتِيۚ تُسِرُّونَ إِلَيۡهِم بِٱلۡمَوَدَّةِ وَأَنَا۠ أَعۡلَمُ بِمَآ أَخۡفَيۡتُمۡ وَمَآ أَعۡلَنتُمۡۚ وَمَن يَفۡعَلۡهُ مِنكُمۡ فَقَدۡ ضَلَّ سَوَآءَ ٱلسَّبِيلِ ﴿1﴾

Transliteration: Ya ayyuha allatheena amanoo la tattakhithoo AAaduwwee waAAaduwwakum awliyaa tulqoona ilayhim bialmawaddati waqad kafaroo bima jaakum mina alhaqqi yukhrijoona alrrasoola waiyyakum an tuminoo biAllahi rabbikum in kuntum kharajtum jihadan fee sabeelee waibtighaa mardatee tusirroona ilayhim bialmawaddati waana aAAlamu bima akhfaytum wama aAAlantum waman yafAAalhu minkum faqad dalla sawaa alssabeeli

Translation: Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimukagire abansi banje n’abansi banyu abagenzi somambike, mu kubashira inkuru z’Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) hamwe n’amabanga y’abemeramana, murondera kwikundwakaza, kandi baramaze kugarariza ukuri kwabashikiriye ku bijanye n’ukwemera Imana Allah n’Intumwa yayo hamwe na Qor’ani. Basohoye Intumwa y’Imana na mwe nyene mu gisagara ca Makka, babahora gusa ko mwemera Imana yanyu Rurema Allah. Ntimukagire rero abansi banje n’abansi banyu abagenzi somambike nimwaba mwasohotse izanyu ku mvo zo guharanira idini ryanje, murondera gushimwa nanje. Mubashikiriza inkuru mu mpisho murondera kwikundwakaza, kandi nanje Allah Nzi neza ivyo munyegeza n’ivyo mugaragaza! Uwo wese rero azobikora muri mwebwe, azoba yahuvye inzira igororotse.

60:2

إِن يَثۡقَفُوكُمۡ يَكُونُواْ لَكُمۡ أَعۡدَآءٗ وَيَبۡسُطُوٓاْ إِلَيۡكُمۡ أَيۡدِيَهُمۡ وَأَلۡسِنَتَهُم بِٱلسُّوٓءِ وَوَدُّواْ لَوۡ تَكۡفُرُونَ ﴿2﴾

Transliteration: In yathqafookum yakoonoo lakam aAAdaan wayabsutoo ilaykum aydiyahum waalsinatahum bialssooi wawaddoo law takfuroona

Translation: Bishitse mukagwa mu minwe yabo, bobereka urwanko babafitiye mu mitima yabo, bakabahereza iminwe yabo mu kubica no kubagira imbohe, bakanabacokora, hanyuma bakabipfuriza ko mwogarariza mugata idini ryanyu.

60:3

لَن تَنفَعَكُمۡ أَرۡحَامُكُمۡ وَلَآ أَوۡلَٰدُكُمۡۚ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ يَفۡصِلُ بَيۡنَكُمۡۚ وَٱللَّهُ بِمَا تَعۡمَلُونَ بَصِيرٞ ﴿3﴾

Transliteration: Lan tanfaAAakum arhamukum wala awladukum yawma alqiyamati yafsilu baynakum waAllahu bima taAAmaloona baseerun

Translation: Nta co abavukanyi banyu bazobamarira, eka n’abana banyu batuma mugira abagararije abagenzi somambike, nta co bazobamarira. Ku musi w’izuka, Imana Allah Izobatandukanya, Iheze Yinjize aberanda mu Bwami bw’ijuru, inkozi z’ikibi na zo Izinjize mu muriro. Burya rero Imana Allah, ivyo mukora n'ivyo muvuga vyose Irabibona neza, ni Nyenukubona.

60:4

قَدۡ كَانَتۡ لَكُمۡ أُسۡوَةٌ حَسَنَةٞ فِيٓ إِبۡرَٰهِيمَ وَٱلَّذِينَ مَعَهُۥٓ إِذۡ قَالُواْ لِقَوۡمِهِمۡ إِنَّا بُرَءَـٰٓؤُاْ مِنكُمۡ وَمِمَّا تَعۡبُدُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِ كَفَرۡنَا بِكُمۡ وَبَدَا بَيۡنَنَا وَبَيۡنَكُمُ ٱلۡعَدَٰوَةُ وَٱلۡبَغۡضَآءُ أَبَدًا حَتَّىٰ تُؤۡمِنُواْ بِٱللَّهِ وَحۡدَهُۥٓ إِلَّا قَوۡلَ إِبۡرَٰهِيمَ لِأَبِيهِ لَأَسۡتَغۡفِرَنَّ لَكَ وَمَآ أَمۡلِكُ لَكَ مِنَ ٱللَّهِ مِن شَيۡءٖۖ رَّبَّنَا عَلَيۡكَ تَوَكَّلۡنَا وَإِلَيۡكَ أَنَبۡنَا وَإِلَيۡكَ ٱلۡمَصِيرُ ﴿4﴾

Transliteration: Qad kanat lakum oswatun hasanatun fee ibraheema waallatheena maAAahu ith qaloo liqawmihim inna buraao minkum wamimma taAAbudoona min dooni Allahi kafarna bikum wabada baynana wabaynakumu alAAadawatu waalbaghdao abadan hatta tuminoo biAllahi wahdahu illa qawla ibraheema liabeehi laastaghfiranna laka wama amliku laka mina Allahi min shayin rabbana AAalayka tawakkalna wailayka anabna wailayka almaseeru

Translation: Bemeramana! Mu vy’ukuri, murafise akarorero keza mwokwisunga mu mvugo no mu ngiro, ku Ntumwa y’Imana Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), hamwe n’abemeramana bari kumwe na yo, igihe babwira abantu babo batemera bati: “Mu vy’ukuri twebwe, turitandukanije na mwe hamwe n’ivyo musenga mu gishingo c’Imana Allah. Kuva ubu rero, twagararije ivyo mwemera mu bigirwamana, hamaze no kwibonekeza urwanko n’inzigo hagati yacu na mwe, kugeza aho muzokwemera Imana Imwe Rudende Allah, mukavavanura no gusenga ibigirwamana”. Ariko rero, ntimwokwigana ijambo ry’Intumwa Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yabwiye se yagarariza iti: “Ni ukuri, nzogusabira imbabazi ku Mana Allah, mugabo jewe nta na kimwe nzokumarira ku Mana Allah[1]”. Ibrahimu rero yahavuye atakambira Imana Allah, ati: "Mana yacu Rurema Allah! Twamaze kukwishimikiza mu kukwizera muri vyose, kandi twagarutse iwawe kwigaya, burya iwawe gusa ni yo maherezo yacu;

60:5

رَبَّنَا لَا تَجۡعَلۡنَا فِتۡنَةٗ لِّلَّذِينَ كَفَرُواْ وَٱغۡفِرۡ لَنَا رَبَّنَآۖ إِنَّكَ أَنتَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلۡحَكِيمُ ﴿5﴾

Transliteration: Rabbana la tajAAalna fitnatan lillatheena kafaroo waighfir lana rabbana innaka anta alAAazeezu alhakeemu

Translation: Mana yacu Rurema Allah! Ntutugerageze ngo Uduteze abagarariji mu vyo tutokwihanganira; turagusavye Utugumirize akabanga ku vyaha vyacu, ntubiduhanire. Mana yacu Rurema Allah! Mu vy’ukuri Wewe, Uri Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ukora".

60:6

لَقَدۡ كَانَ لَكُمۡ فِيهِمۡ أُسۡوَةٌ حَسَنَةٞ لِّمَن كَانَ يَرۡجُواْ ٱللَّهَ وَٱلۡيَوۡمَ ٱلۡأٓخِرَۚ وَمَن يَتَوَلَّ فَإِنَّ ٱللَّهَ هُوَ ٱلۡغَنِيُّ ٱلۡحَمِيدُ ﴿6﴾

Transliteration: Laqad kana lakum feehim oswatun hasanatun liman kana yarjoo Allaha waalyawma alakhira waman yatawalla fainna Allaha huwa alghanniyyu alhameedu

Translation: Bemeramana! Ni ukuri, murafise akarorero keza mwokwisunga ku Ntumwa y’Imana Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), hamwe no ku bemeramana bari kumwe na yo, canecane ku wuzoba yizeye indishi ku Mana Allah, n’intsinzi ku musi w’imperuka. Nayo uwuzogenza umugongo akirengagiza kwisunga imigenzo y'Abavugishwamana, ni ukuri Imana Allah, ni Yo Uwikenuye Yikenuye muri vyose, Nyenugushimwa, Ishimwa ku mazina, ku matazirano no ku bikorwa vyayo mu bihe vyose.

60:7

عَسَى ٱللَّهُ أَن يَجۡعَلَ بَيۡنَكُمۡ وَبَيۡنَ ٱلَّذِينَ عَادَيۡتُم مِّنۡهُم مَّوَدَّةٗۚ وَٱللَّهُ قَدِيرٞۚ وَٱللَّهُ غَفُورٞ رَّحِيمٞ ﴿7﴾

Transliteration: AAasa Allahu an yajAAala baynakum wabayna allatheena AAadaytum minhum mawaddatan waAllahu qadeerun waAllahu ghafoorun raheemun

Translation: Kumbure Imana Allah Izobakundanisha, mwebwe n’abo mwankanye mu bagararije mu bavandimwe banyu, biciye mu kwemera bakaba abislamu. Burya Imana Allah, ni Mushoboravyose; Imana Allah, ni na Yo Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.

60:8

لَّا يَنۡهَىٰكُمُ ٱللَّهُ عَنِ ٱلَّذِينَ لَمۡ يُقَٰتِلُوكُمۡ فِي ٱلدِّينِ وَلَمۡ يُخۡرِجُوكُم مِّن دِيَٰرِكُمۡ أَن تَبَرُّوهُمۡ وَتُقۡسِطُوٓاْ إِلَيۡهِمۡۚ إِنَّ ٱللَّهَ يُحِبُّ ٱلۡمُقۡسِطِينَ ﴿8﴾

Transliteration: La yanhakumu Allahu AAani allatheena lam yuqatilookum fee alddeeni walam yukhrijookum min diyarikum an tabarroohum watuqsitoo ilayhim inna Allaha yuhibbu almuqsiteena

Translation: Bemeramana! Imana Allah ntibabuza na gato kugirira neza no gutunganiriza abatabarwanya ku mvo z’ukwemera, bakaba batanabasohoye mu zanyu. Mu vy’ukuri Imana Allah, Irakunda abatunganiriza abandi ata nkunzi.

60:9

إِنَّمَا يَنۡهَىٰكُمُ ٱللَّهُ عَنِ ٱلَّذِينَ قَٰتَلُوكُمۡ فِي ٱلدِّينِ وَأَخۡرَجُوكُم مِّن دِيَٰرِكُمۡ وَظَٰهَرُواْ عَلَىٰٓ إِخۡرَاجِكُمۡ أَن تَوَلَّوۡهُمۡۚ وَمَن يَتَوَلَّهُمۡ فَأُوْلَـٰٓئِكَ هُمُ ٱلظَّـٰلِمُونَ ﴿9﴾

Transliteration: Innama yanhakumu Allahu AAani allatheena qatalookum fee alddeeni waakhrajookum min diyarikum wathaharoo AAala ikhrajikum an tawallawhum waman yatawallahum faolaika humu alththalimoona

Translation: Ahubwo Imana Allah, Ibabuza gusa kugira abagenzi somambike ababarwanije ku mvo z’ukwemera, bakabasohora mu zanyu, bakanafasha mu kubomora. Kubera ivyo rero, abazobagira abagenzi somambike, abo ni bo birenganije mu kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.

60:10

يَـٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ إِذَا جَآءَكُمُ ٱلۡمُؤۡمِنَٰتُ مُهَٰجِرَٰتٖ فَٱمۡتَحِنُوهُنَّۖ ٱللَّهُ أَعۡلَمُ بِإِيمَٰنِهِنَّۖ فَإِنۡ عَلِمۡتُمُوهُنَّ مُؤۡمِنَٰتٖ فَلَا تَرۡجِعُوهُنَّ إِلَى ٱلۡكُفَّارِۖ لَا هُنَّ حِلّٞ لَّهُمۡ وَلَا هُمۡ يَحِلُّونَ لَهُنَّۖ وَءَاتُوهُم مَّآ أَنفَقُواْۚ وَلَا جُنَاحَ عَلَيۡكُمۡ أَن تَنكِحُوهُنَّ إِذَآ ءَاتَيۡتُمُوهُنَّ أُجُورَهُنَّۚ وَلَا تُمۡسِكُواْ بِعِصَمِ ٱلۡكَوَافِرِ وَسۡـَٔلُواْ مَآ أَنفَقۡتُمۡ وَلۡيَسۡـَٔلُواْ مَآ أَنفَقُواْۚ ذَٰلِكُمۡ حُكۡمُ ٱللَّهِ يَحۡكُمُ بَيۡنَكُمۡۖ وَٱللَّهُ عَلِيمٌ حَكِيمٞ ﴿10﴾

Transliteration: Ya ayyuha allatheena amanoo itha jaakumu almuminatu muhajiratin faimtahinoohunna Allahu aAAlamu bieemanihinna fain AAalimtumoohunna muminatin fala tarjiAAoohunna ila alkuffari la hunna hillun lahum wala hum yahilloona lahunna waatoohum ma anfaqoo wala junaha AAalaykum an tankihoohunna itha ataytumoohunna ojoorahunna wala tumsikoo biAAisami alkawafiri waisaloo ma anfaqtum walyasaloo ma anfaqoo thalikum hukmu Allahi yahkumu baynakum waAllahu AAaleemun hakeemun

Translation: Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Abemeramanakazi nibaza babagana bahungiye i Madina, murabanza mubagerageze, kugira mumenye neza ko bemera vy’ukuri. Imana Allah, ni Yo Izi ukwemera kwabo kurusha. Nimwamenya neza na neza rero ko ari abemeramanakazi, ntimuze muhirahire ngo mubasubize ku bagarariji bubakanye, kuko bo ntibarekuriwe kwubakana n’abagarariji, kandi n’abo bagarariji nyene ntibarekuriwe kwabira abemeramanakazi. Muraheza rero musubize inkwano abahoze ari abagabo babo. Nta kibi kandi ko mwokwabira abo bakenyezi mu gihe mwobaha inkwano zabo. Ntimwihambirire ku masezerano yo kwabirana n’abakenyezi bagararije bagata idini, muraheza rero musabe inkwano zanyu, na bo nyene baraheza basabe inkwano z’abakenyezi babo binjiye mu bwislamu. Ukwo gusubizwa inkwano, ni ingingo y’Imana Allah Itegetse ko yubahirizwa hagati yanyu. Burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Intungane mu vyo Ikora.

60:11

وَإِن فَاتَكُمۡ شَيۡءٞ مِّنۡ أَزۡوَٰجِكُمۡ إِلَى ٱلۡكُفَّارِ فَعَاقَبۡتُمۡ فَـَٔاتُواْ ٱلَّذِينَ ذَهَبَتۡ أَزۡوَٰجُهُم مِّثۡلَ مَآ أَنفَقُواْۚ وَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ ٱلَّذِيٓ أَنتُم بِهِۦ مُؤۡمِنُونَ ﴿11﴾

Transliteration: Wain fatakum shayon min azwajikum ila alkuffari faAAaqabtum faatoo allatheena thahabat azwajuhum mithla ma anfaqoo waittaqoo Allaha allathee antum bihi muminoona

Translation: Nihagira uwubacika mu bakenyezi banyu bemera agata idini, agashoka ahungira mu bagarariji, ntimuheze ngo musubizwe inkwano, maze mukaronka iminyago mumaze gutsinda ku rugamba, muraca muronsa abagabo babo ibingana n’inkwano batanze, muheze mutinye Imana Allah, muyigamburukire, Yo mwebwe mwemera.

60:12

يَـٰٓأَيُّهَا ٱلنَّبِيُّ إِذَا جَآءَكَ ٱلۡمُؤۡمِنَٰتُ يُبَايِعۡنَكَ عَلَىٰٓ أَن لَّا يُشۡرِكۡنَ بِٱللَّهِ شَيۡـٔٗا وَلَا يَسۡرِقۡنَ وَلَا يَزۡنِينَ وَلَا يَقۡتُلۡنَ أَوۡلَٰدَهُنَّ وَلَا يَأۡتِينَ بِبُهۡتَٰنٖ يَفۡتَرِينَهُۥ بَيۡنَ أَيۡدِيهِنَّ وَأَرۡجُلِهِنَّ وَلَا يَعۡصِينَكَ فِي مَعۡرُوفٖ فَبَايِعۡهُنَّ وَٱسۡتَغۡفِرۡ لَهُنَّ ٱللَّهَۚ إِنَّ ٱللَّهَ غَفُورٞ رَّحِيمٞ ﴿12﴾

Transliteration: Ya ayyuha alnnabiyyu itha jaaka almuminatu yubayiAAnaka AAala an la yushrikna biAllahi shayan wala yasriqna wala yazneena wala yaqtulna awladahunna wala yateena bibuhtanin yaftareenahu bayna aydeehinna waarjulihinna wala yaAAseenaka fee maAAroofin fabayiAAhunna waistaghfir lahunna Allaha inna Allaha ghafoorun raheemun

Translation: Ewe Muvugishwamana! Abemeramanakazi, nibaza bagutumbera bashaka kwiyemeza imbere yawe ko batazobangikanya Imana Allah, batazokwiba, batazorenga ibigo, batazokwica abana babo ku gutinya ubukene canke guteterwa[2], batazovuga ikinyoma mu kwomekera abana ku bagabo babo mu gihe atari ba se babavyara, batazoca kubiri n’ivyo ubabwirije, uraheza rero ubemerere isezerano ryabo, maze ubasabire imbabazi ku Mana Allah. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.

60:13

يَـٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ لَا تَتَوَلَّوۡاْ قَوۡمًا غَضِبَ ٱللَّهُ عَلَيۡهِمۡ قَدۡ يَئِسُواْ مِنَ ٱلۡأٓخِرَةِ كَمَا يَئِسَ ٱلۡكُفَّارُ مِنۡ أَصۡحَٰبِ ٱلۡقُبُورِ ﴿13﴾

Transliteration: Ya ayyuha allatheena amanoo la tatawallaw qawman ghadiba Allahu AAalayhim qad yaisoo mina alakhirati kama yaisa alkuffaru min ashabi alquboori

Translation: Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimuzogire abantu bashavuriwe n’Imana Allah, ba somambike, na kare baramaze kwihebura ko ata neza baziga mu buzima bw’inyuma yo gupfa; nk’uko abagarariji bihebuye ko abantu babo bari mu mva batazozuka, kuko batemera izuka ry’ibiremwa.

Transliteration source: English Transliteration by Tanzil. Used under Tanzil's non-commercial terms; see the source and latest updates at Tanzil. Tanzil translation download