quranm◉

Surah As-Saf transliteration

◉ Sura · ∞

61:1

سَبَّحَ لِلَّهِ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَا فِي ٱلۡأَرۡضِۖ وَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلۡحَكِيمُ ﴿1﴾

Transliteration: Sabbaha lillahi ma fee alssamawati wama fee alardi wahuwa alAAazeezu alhakeemu

Translation: Ibiri mu majuru no kw’isi vyose, bininahaza Imana Allah. Ni na Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.

61:2

يَـٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ لِمَ تَقُولُونَ مَا لَا تَفۡعَلُونَ ﴿2﴾

Transliteration: Ya ayyuha allatheena amanoo lima taqooloona ma la tafAAaloona

Translation: Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ni kuki musezerana canke muvuga ivyo mudakora ngo muvyubahirize[1]?

61:3

كَبُرَ مَقۡتًا عِندَ ٱللَّهِ أَن تَقُولُواْ مَا لَا تَفۡعَلُونَ ﴿3﴾

Transliteration: Kabura maqtan AAinda Allahi an taqooloo ma la tafAAaloona

Translation: Birashavuza cane Imana Allah kuvuga ivyo mudakora.

61:4

إِنَّ ٱللَّهَ يُحِبُّ ٱلَّذِينَ يُقَٰتِلُونَ فِي سَبِيلِهِۦ صَفّٗا كَأَنَّهُم بُنۡيَٰنٞ مَّرۡصُوصٞ ﴿4﴾

Transliteration: Inna Allaha yuhibbu allatheena yuqatiloona fee sabeelihi saffan kaannahum bunyanun marsoosun

Translation: Mu vy’ukuri Imana Allah, Irakunda abaharanira idini ryayo bafatanye mu nda[2], bari ku murongo umwe bameze nka kurya kw’inyubakwa imwe ifatanye[3].

61:5

وَإِذۡ قَالَ مُوسَىٰ لِقَوۡمِهِۦ يَٰقَوۡمِ لِمَ تُؤۡذُونَنِي وَقَد تَّعۡلَمُونَ أَنِّي رَسُولُ ٱللَّهِ إِلَيۡكُمۡۖ فَلَمَّا زَاغُوٓاْ أَزَاغَ ٱللَّهُ قُلُوبَهُمۡۚ وَٱللَّهُ لَا يَهۡدِي ٱلۡقَوۡمَ ٱلۡفَٰسِقِينَ ﴿5﴾

Transliteration: Waith qala moosa liqawmihi ya qawmi lima tuthoonanee waqad taAAlamoona annee rasoolu Allahi ilaykum falamma zaghoo azagha Allahu quloobahum waAllahu la yahdee alqawma alfasiqeena

Translation: Ntumwa y’Imana! Ibuka igihe Intumwa y’Imana Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yabwira abantu bayo iti: “Bantu banje narungitsweko! Ni kuki mumbabaza (mu kugarariza), kandi muzi neza ko jewe ndi Intumwa y’Imana kuri mwebwe!”. Igihe rero abantu ba Musa bamariye guhengama (bagata inzira y’ukuri), Imana Allah, Yaciye Ihengamika imitima yabo kurusha. Burya Imana Allah, ntirongora ibigaba birenga ku mabwirizwa yayo.

61:6

وَإِذۡ قَالَ عِيسَى ٱبۡنُ مَرۡيَمَ يَٰبَنِيٓ إِسۡرَـٰٓءِيلَ إِنِّي رَسُولُ ٱللَّهِ إِلَيۡكُم مُّصَدِّقٗا لِّمَا بَيۡنَ يَدَيَّ مِنَ ٱلتَّوۡرَىٰةِ وَمُبَشِّرَۢا بِرَسُولٖ يَأۡتِي مِنۢ بَعۡدِي ٱسۡمُهُۥٓ أَحۡمَدُۖ فَلَمَّا جَآءَهُم بِٱلۡبَيِّنَٰتِ قَالُواْ هَٰذَا سِحۡرٞ مُّبِينٞ ﴿6﴾

Transliteration: Waith qala AAeesa ibnu maryama ya banee israeela innee rasoolu Allahi ilaykum musaddiqan lima bayna yadayya mina alttawrati wamubashshiran birasoolin yatee min baAAdee ismuhu ahmadu falamma jaahum bialbayyinati qaloo hatha sihrun mubeenun

Translation: Ntumwa y’Imana! Ibuka n'igihe Intumwa y’Imana Isa mwene Mariyamu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yavuga iti: “Emwe Bene Israyeli! Mu vy'ukuri Jewe, ndi Intumwa y’Imana kuri mwebwe, naje gushimangira ibiri mu Bitabu vy’aho hambere yanje, Tawurati na Zaburi, no gushikiriza inkuru nziza y’umuzo w’Intumwa y’Imana izoza inyuma yanje, yitwa Ahmadi (Muhamadi)”. Ariko rero, iyo Ntumwa Muhamadi imaze kuza ifise n’ivyemezo biboneka, bavuze bati: “Ubu, ni uburozi bugaragara”.

61:7

وَمَنۡ أَظۡلَمُ مِمَّنِ ٱفۡتَرَىٰ عَلَى ٱللَّهِ ٱلۡكَذِبَ وَهُوَ يُدۡعَىٰٓ إِلَى ٱلۡإِسۡلَٰمِۚ وَٱللَّهُ لَا يَهۡدِي ٱلۡقَوۡمَ ٱلظَّـٰلِمِينَ ﴿7﴾

Transliteration: Waman athlamu mimmani iftara AAala Allahi alkathiba wahuwa yudAAa ila alislami waAllahu la yahdee alqawma alththalimeena

Translation: Nta n'umwe arenganya akimonogoza gusumba uwurementaniriza Imana Allah mu kuyibangikanya n’ibiremwa, kandi ararikirwa kwicisha bugufi akaba umwislamu! Burya Imana Allah, ntirongora mu nzira yayo abantu birenganya mu kuyibangikanya.

61:8

يُرِيدُونَ لِيُطۡفِـُٔواْ نُورَ ٱللَّهِ بِأَفۡوَٰهِهِمۡ وَٱللَّهُ مُتِمُّ نُورِهِۦ وَلَوۡ كَرِهَ ٱلۡكَٰفِرُونَ ﴿8﴾

Transliteration: Yureedoona liyutfioo noora Allahi biafwahihim waAllahu mutimmu noorihi walaw kariha alkafiroona

Translation: Bashaka mu guhakana Intumwa, kuzimya n’iminwa yabo umuco w’Imana Allah wa Qor’ani. Burya Imana Allah, ni Yo Izokwiragiza hose umuco wayo n’aho vyoshavuza abagarariji.

61:9

هُوَ ٱلَّذِيٓ أَرۡسَلَ رَسُولَهُۥ بِٱلۡهُدَىٰ وَدِينِ ٱلۡحَقِّ لِيُظۡهِرَهُۥ عَلَى ٱلدِّينِ كُلِّهِۦ وَلَوۡ كَرِهَ ٱلۡمُشۡرِكُونَ ﴿9﴾

Transliteration: Huwa allathee arsala rasoolahu bialhuda wadeeni alhaqqi liyuthhirahu AAala alddeeni kullihi walaw kariha almushrikoona

Translation: Ni Yo Yarungitse Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yibangikanije n'uburongozi bwa Qor’ani; Iyirungikana n’idini ry’ukuri, kugira riganze ayandi madini n’aho vyoshavuza ababangikanyamana.

61:10

يَـٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ هَلۡ أَدُلُّكُمۡ عَلَىٰ تِجَٰرَةٖ تُنجِيكُم مِّنۡ عَذَابٍ أَلِيمٖ ﴿10﴾

Transliteration: Ya ayyuha allatheena amanoo hal adullukum AAala tijaratin tunjeekum min AAathabin aleemin

Translation: Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Mbega ndabereke urudandazwa rwobakiza ibihano bibabaza?

61:11

تُؤۡمِنُونَ بِٱللَّهِ وَرَسُولِهِۦ وَتُجَٰهِدُونَ فِي سَبِيلِ ٱللَّهِ بِأَمۡوَٰلِكُمۡ وَأَنفُسِكُمۡۚ ذَٰلِكُمۡ خَيۡرٞ لَّكُمۡ إِن كُنتُمۡ تَعۡلَمُونَ ﴿11﴾

Transliteration: Tuminoona biAllahi warasoolihi watujahidoona fee sabeeli Allahi biamwalikum waanfusikum thalikum khayrun lakum in kuntum taAAlamoona

Translation: Nimubandanye mwemera Imana Imwe Rudende Allah n’Intumwa yayo, muheze muharanire idini ry'Imana Allah, mu gutanga amatungo yanyu no mu kwitanga mwebwe nyene ubwanyu. Ivyo rero, ni vyo vyiza kurusha kuri mwebwe, nimwaba muzi rero gutandukanya ikibi n’iciza, nimuvyubahirize;

61:12

يَغۡفِرۡ لَكُمۡ ذُنُوبَكُمۡ وَيُدۡخِلۡكُمۡ جَنَّـٰتٖ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهَا ٱلۡأَنۡهَٰرُ وَمَسَٰكِنَ طَيِّبَةٗ فِي جَنَّـٰتِ عَدۡنٖۚ ذَٰلِكَ ٱلۡفَوۡزُ ٱلۡعَظِيمُ ﴿12﴾

Transliteration: Yaghfir lakum thunoobakum wayudkhilkum jannatin tajree min tahtiha alanharu wamasakina tayyibatan fee jannati AAadnin thalika alfawzu alAAatheemu

Translation: Imana Allah, Izobagumiriza akabanga ku vyaha vyanyu, Ivyirengagize ntibibahanire, Iheze Ibinjize no mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi, harimwo n’imihana iteye igomwe mu Bwami bw’ijuru rya “Adeni”. Iyo rero, ni yo ntsinzi ihambaye.

61:13

وَأُخۡرَىٰ تُحِبُّونَهَاۖ نَصۡرٞ مِّنَ ٱللَّهِ وَفَتۡحٞ قَرِيبٞۗ وَبَشِّرِ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ ﴿13﴾

Transliteration: Waokhra tuhibboonaha nasrun mina Allahi wafathun qarreebun wabashshiri almumineena

Translation: Yarabageneye n’iyindi mpera mukunda muri kw'isi, ni intsinzi ivuye ku Mana Allah no guhabuza vuba bwango igisagara ca Makka. Muvugishwamana! Shikiriza rero abemeramana, inkuru ihimbaye Yo gushika ku ntsinzi kw’isi, no kuja mu Bwami bw’ijuru mu buzima bw’inyuma yo gupfa.

61:14

يَـٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ كُونُوٓاْ أَنصَارَ ٱللَّهِ كَمَا قَالَ عِيسَى ٱبۡنُ مَرۡيَمَ لِلۡحَوَارِيِّـۧنَ مَنۡ أَنصَارِيٓ إِلَى ٱللَّهِۖ قَالَ ٱلۡحَوَارِيُّونَ نَحۡنُ أَنصَارُ ٱللَّهِۖ فَـَٔامَنَت طَّآئِفَةٞ مِّنۢ بَنِيٓ إِسۡرَـٰٓءِيلَ وَكَفَرَت طَّآئِفَةٞۖ فَأَيَّدۡنَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ عَلَىٰ عَدُوِّهِمۡ فَأَصۡبَحُواْ ظَٰهِرِينَ ﴿14﴾

Transliteration: Ya ayyuha allatheena amanoo koonoo ansara Allahi kama qala AAeesa ibnu maryama lilhawariyyeena man ansaree ila Allahi qala alhawariyyoona nahnu ansaru Allahi faamanat taifatun min banee israeela wakafarat taifatun faayyadna allatheena amanoo AAala AAaduwwihim faasbahoo thahireena

Translation: Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimubandanye kuba abatabazi b’idini ry’Imana Allah; nka kurya abigishwa b'Intumwa y’Imana Isa mwene Mariyamu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) babigenjeje, igihe yavuga ibabwira iti: “Ni bande muri mwebwe bontabara mu nzira y’Imana Allah?”, maze na bo bayishura bati: “Nyabuna rero, ni twebwe dutabara mu nzira y’Imana Allah”. Umugwi umwe rero muri Bene Israyeli uraheza uremera, uwundi mugwi na wo urahakana, maze Twebwe Allah Dushoka Dushigikira abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo mu kurwanya abansi babo, gutyo baraheza barabatsinda kw’irungikwa ry’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).

Transliteration source: English Transliteration by Tanzil. Used under Tanzil's non-commercial terms; see the source and latest updates at Tanzil. Tanzil translation download