quranm◉

Surah Al-Mulk transliteration

◉ Sura · ∞

67:1

تَبَٰرَكَ ٱلَّذِي بِيَدِهِ ٱلۡمُلۡكُ وَهُوَ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ قَدِيرٌ ﴿1﴾

Transliteration: Tabaraka allathee biyadihi almulku wahuwa AAala kulli shayin qadeerun

Translation: Harakubahwa Nyenimigisha-ntangere ku biremwa, We Rugaba w’inganji y’isi n’ijuru; ni na We Mushoboravyose.

67:2

ٱلَّذِي خَلَقَ ٱلۡمَوۡتَ وَٱلۡحَيَوٰةَ لِيَبۡلُوَكُمۡ أَيُّكُمۡ أَحۡسَنُ عَمَلٗاۚ وَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلۡغَفُورُ ﴿2﴾

Transliteration: Allathee khalaqa almawta waalhayata liyabluwakum ayyukum ahsanu AAamalan wahuwa alAAazeezu alghafooru

Translation: Bantu! Ni We Yaremye urupfu n’ubuzima kugira Abagerageze, haheze hamenyekane uwukora ivyiza ku bwiwe kurusha abandi[1]. Ni na We Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi-ntangere.

67:3

ٱلَّذِي خَلَقَ سَبۡعَ سَمَٰوَٰتٖ طِبَاقٗاۖ مَّا تَرَىٰ فِي خَلۡقِ ٱلرَّحۡمَٰنِ مِن تَفَٰوُتٖۖ فَٱرۡجِعِ ٱلۡبَصَرَ هَلۡ تَرَىٰ مِن فُطُورٖ ﴿3﴾

Transliteration: Allathee khalaqa sabAAa samawatin tibaqan ma tara fee khalqi alrrahmani min tafawutin fairjiAAi albasara hal tara min futoorin

Translation: Ni we Yaremye amajuru indwi agerekeranye. Muntu wihweza ibintu n'ibindi! Ntushobora kubona amahinyu n’ubudasa mu vyaremwe na Nyenimpuhwe. Enda nyabuna rero, subiza amaso inyuma wihweze, hari amahinyu ushobora kubona!

67:4

ثُمَّ ٱرۡجِعِ ٱلۡبَصَرَ كَرَّتَيۡنِ يَنقَلِبۡ إِلَيۡكَ ٱلۡبَصَرُ خَاسِئٗا وَهُوَ حَسِيرٞ ﴿4﴾

Transliteration: Thumma irjiAAi albasara karratayni yanqalib ilayka albasaru khasian wahuwa haseerun

Translation: Subiza amaso yawe inyuma wihweze ubugira kandi, amaso azokugarukako arushe, ateterewe ata n’amahinyu abonye.

67:5

وَلَقَدۡ زَيَّنَّا ٱلسَّمَآءَ ٱلدُّنۡيَا بِمَصَٰبِيحَ وَجَعَلۡنَٰهَا رُجُومٗا لِّلشَّيَٰطِينِۖ وَأَعۡتَدۡنَا لَهُمۡ عَذَابَ ٱلسَّعِيرِ ﴿5﴾

Transliteration: Walaqad zayyanna alssamaa alddunya bimasabeeha wajaAAalnaha rujooman lilshshayateeni waaAAtadna lahum AAathaba alssaAAeeri

Translation: Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twarasharije ijuru riri hafi yanyu n’inyenyeri zakaka nk’amatara, Turaheza Tuzigira ibishirira nyakotsi vyo gutera amashetani iyo ahirahiye akaja gusuma urusaku. Twaranateguriye amashetani mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ibihano vy’umuriro wama wegenyejwe.

67:6

وَلِلَّذِينَ كَفَرُواْ بِرَبِّهِمۡ عَذَابُ جَهَنَّمَۖ وَبِئۡسَ ٱلۡمَصِيرُ ﴿6﴾

Transliteration: Walillatheena kafaroo birabbihim AAathabu jahannama wabisa almaseeru

Translation: N’abagararije mu bantu Imana yabo Rurema Allah, barategekanirijwe ibihano vyo mu muriro wa Jahannamu. Iryo, ni ryo herezo ribi cane.

67:7

إِذَآ أُلۡقُواْ فِيهَا سَمِعُواْ لَهَا شَهِيقٗا وَهِيَ تَفُورُ ﴿7﴾

Transliteration: Itha olqoo feeha samiAAoo laha shaheeqan wahiya tafooru

Translation: Nibawutabwamwo, bazowumva usuma bimwe biteye ubwoba uriko urarurumba.

67:8

تَكَادُ تَمَيَّزُ مِنَ ٱلۡغَيۡظِۖ كُلَّمَآ أُلۡقِيَ فِيهَا فَوۡجٞ سَأَلَهُمۡ خَزَنَتُهَآ أَلَمۡ يَأۡتِكُمۡ نَذِيرٞ ﴿8﴾

Transliteration: Takadu tamayyazu mina alghaythi kullama olqiya feeha fawjun saalahum khazanatuha alam yatikum natheerun

Translation: Uwo muriro, uhakwa gushwanyagurika kubera ishavu ufitiye abagarariji. Uko hatawemwo umugwi w’abahakanyi, ni ko abawucungera bazobabaza bati: “Mbega ntuze, nta Mugabisha yigeze abashikira kw’isi?”;

67:9

قَالُواْ بَلَىٰ قَدۡ جَآءَنَا نَذِيرٞ فَكَذَّبۡنَا وَقُلۡنَا مَا نَزَّلَ ٱللَّهُ مِن شَيۡءٍ إِنۡ أَنتُمۡ إِلَّا فِي ضَلَٰلٖ كَبِيرٖ ﴿9﴾

Transliteration: Qaloo bala qad jaana natheerun fakaththabna waqulna ma nazzala Allahu min shayin in antum illa fee dalalin kabeerin

Translation: Na bo bazokwishura bati: “Egome! Umugabisha yaradushikiriye, turaheza turamuhakana twivuye inyuma, tuvuga duti: “Nta na kimwe Imana Allah, Yigeze Ihishurira umuntu. Kanatsinda mwebwe Intumwa, nta co murimwo atari umuzimagiza ukomeye ubaganisha kure cane y’ukuri””.

67:10

وَقَالُواْ لَوۡ كُنَّا نَسۡمَعُ أَوۡ نَعۡقِلُ مَا كُنَّا فِيٓ أَصۡحَٰبِ ٱلسَّعِيرِ ﴿10﴾

Transliteration: Waqaloo law kunna nasmaAAu aw naAAqilu ma kunna fee ashabi alssaAAeeri

Translation: Bazokwongera bavuge bicuza bati: “Iyo tuza kwumva ukuri twashikirijwe canke tukagira ubwenge bwo gutahura ivyo turarikirwa, ntitwari kuba mu bantu bo mu muriro wama wegenyejwe”.

67:11

فَٱعۡتَرَفُواْ بِذَنۢبِهِمۡ فَسُحۡقٗا لِّأَصۡحَٰبِ ٱلسَّعِيرِ ﴿11﴾

Transliteration: FaiAAtarafoo bithanbihim fasuhqan liashabi alssaAAeeri

Translation: Bazoheza rero bemange ukuri kwamye ibicumuro vyabo. Kubera ivyo rero, uguhanwa nya guhanwa, ni ukw’abantu bo mu muriro wama wegenyejwe.

67:12

إِنَّ ٱلَّذِينَ يَخۡشَوۡنَ رَبَّهُم بِٱلۡغَيۡبِ لَهُم مَّغۡفِرَةٞ وَأَجۡرٞ كَبِيرٞ ﴿12﴾

Transliteration: Inna allatheena yakhshawna rabbahum bialghaybi lahum maghfiratun waajrun kabeerun

Translation: Mu vy’ukuri, abatinya Imana yabo Rurema Allah bakayisenga biherereye, batinya guhanwa mu buzima bw’inyuma yo gupfa, bazogumirizwa akabanga ku vyaha vyabo, vyirengagizwe ntibabihanirwe, bazonaronka n’impano nta ngere kandi zamaho mu Bwami bw’ijuru.

67:13

وَأَسِرُّواْ قَوۡلَكُمۡ أَوِ ٱجۡهَرُواْ بِهِۦٓۖ إِنَّهُۥ عَلِيمُۢ بِذَاتِ ٱلصُّدُورِ ﴿13﴾

Transliteration: Waasirroo qawlakum awi ijharoo bihi innahu AAaleemun bithati alssudoori

Translation: Bantu! Nimushake mwongorerane ijambo ryanyu canke murivugire ku mugaragaro, nta kitamenyekana ku Mana Allah. Mu vy’ukuri Imana Allah, Irazi ibihishijwe mu mishaha.

67:14

أَلَا يَعۡلَمُ مَنۡ خَلَقَ وَهُوَ ٱللَّطِيفُ ٱلۡخَبِيرُ ﴿14﴾

Transliteration: Ala yaAAlamu man khalaqa wahuwa allateefu alkhabeeru

Translation: Mbega Imana Yaremye, Yoreka kubimenya gute kandi ari Yo Rumenyi-Rudahishwa, Muhetuziwavyose!

67:15

هُوَ ٱلَّذِي جَعَلَ لَكُمُ ٱلۡأَرۡضَ ذَلُولٗا فَٱمۡشُواْ فِي مَنَاكِبِهَا وَكُلُواْ مِن رِّزۡقِهِۦۖ وَإِلَيۡهِ ٱلنُّشُورُ ﴿15﴾

Transliteration: Huwa allathee jaAAala lakumu alarda thaloolan faimshoo fee manakibiha wakuloo min rizqihi wailayhi alnnushooru

Translation: Ni Yo Yaborohereje kuba kw’isi no kuyikorerako. Kubera ivyo rero, nimugendagende mukwiragire mu mihingo yayo yose, mufungure no mu vyo Ibahaye. Ni kuri Yo gusa muzosubira, kugira muharurirwe, muhemberwe n'ivyo mwakoze[2].

67:16

ءَأَمِنتُم مَّن فِي ٱلسَّمَآءِ أَن يَخۡسِفَ بِكُمُ ٱلۡأَرۡضَ فَإِذَا هِيَ تَمُورُ ﴿16﴾

Transliteration: Aamintum man fee alssamai an yakhsifa bikumu alarda faitha hiya tamooru

Translation: Emwe bagarariji! Mbega mwoba muri mu mahoro ku Mana Allah Iri hejuru, ku buryo Itobafuririra mw’isi ikabamira mu kanya gato isase, maze ikabajegeza na nyamugigima!

67:17

أَمۡ أَمِنتُم مَّن فِي ٱلسَّمَآءِ أَن يُرۡسِلَ عَلَيۡكُمۡ حَاصِبٗاۖ فَسَتَعۡلَمُونَ كَيۡفَ نَذِيرِ ﴿17﴾

Transliteration: Am amintum man fee alssamai an yursila AAalaykum hasiban fasataAAlamoona kayfa natheeri

Translation: Canke mwoba muri mu mahoro ku Mana Allah Iri hejuru, ku buryo Itobarungikira igihuhusi c’urubuye, ari na ho mwomenya ko ubugabisha bwanje bwari ubw’ukuri!

67:18

وَلَقَدۡ كَذَّبَ ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِمۡ فَكَيۡفَ كَانَ نَكِيرِ ﴿18﴾

Transliteration: Walaqad kaththaba allatheena min qablihim fakayfa kana nakeeri

Translation: Nta nkeka ko ab’aho hambere y’abagarariji b’i Makka, bagararije bivuye inyuma Intumwa barungikiwe. Mbega none, ukubihaniza kwanje Jewe Allah ko batogarariza n’uko batokwihakana inema zanje, vyabashikanye kuki atari ibihano!

67:19

أَوَلَمۡ يَرَوۡاْ إِلَى ٱلطَّيۡرِ فَوۡقَهُمۡ صَـٰٓفَّـٰتٖ وَيَقۡبِضۡنَۚ مَا يُمۡسِكُهُنَّ إِلَّا ٱلرَّحۡمَٰنُۚ إِنَّهُۥ بِكُلِّ شَيۡءِۭ بَصِيرٌ ﴿19﴾

Transliteration: Awalam yaraw ila alttayri fawqahum saffatin wayaqbidna ma yumsikuhunna illa alrrahmanu innahu bikulli shayin baseerun

Translation: Mbega abagarariji, ntibabona ukungene inyoni ziri hejuru yabo mu kirere ziguruka zigoroye amababa umwanya muremure, zikongera zikayazinga! Ntawuzigumya ngo ntizikoroke atari Nyenimpuhwe Allah. Mu vy’ukuri, Iyo Mana Nyenimpuhwe, ni Yo Nyenukubona, Ibona ikintu ico ari co cose;

67:20

أَمَّنۡ هَٰذَا ٱلَّذِي هُوَ جُندٞ لَّكُمۡ يَنصُرُكُم مِّن دُونِ ٱلرَّحۡمَٰنِۚ إِنِ ٱلۡكَٰفِرُونَ إِلَّا فِي غُرُورٍ ﴿20﴾

Transliteration: Amman hatha allathee huwa jundun lakum yansurukum min dooni alrrahmani ini alkafiroona illa fee ghuroorin

Translation: Ahubwo mbere, ni izihe ngabo zanyu zobakiza ibihano vy’Imana Allah, atari Nyenimpuhwe Allah! Nta gituma abagarariji bahakana Imana Allah, atari uguhendwa na shetani;

67:21

أَمَّنۡ هَٰذَا ٱلَّذِي يَرۡزُقُكُمۡ إِنۡ أَمۡسَكَ رِزۡقَهُۥۚ بَل لَّجُّواْ فِي عُتُوّٖ وَنُفُورٍ ﴿21﴾

Transliteration: Amman hatha allathee yarzuqukum in amsaka rizqahu bal lajjoo fee AAutuwwin wanufoorin

Translation: Ahubwo nyene, ni nde yobafungurira mu gihe Imana Rugiravyose Yohagarika kubafungurira! Ahubwo abagarariji ha kwikebuka, baguma bahakana banahunga ukuri.

67:22

أَفَمَن يَمۡشِي مُكِبًّا عَلَىٰ وَجۡهِهِۦٓ أَهۡدَىٰٓ أَمَّن يَمۡشِي سَوِيًّا عَلَىٰ صِرَٰطٖ مُّسۡتَقِيمٖ ﴿22﴾

Transliteration: Afaman yamshee mukibban AAala wajhihi ahda amman yamshee sawiyyan AAala siratin mustaqeemin

Translation: Mbega uwugenda yunamitse umutwe wiwe hasi, atabona iyo aja, yoba ari we atumbereye inzira igororotse kurusha! Canke uwugenda yunamutse, agororotse, abona iyo aja, ni we yoba ari mu nzira igororotse ishika[3]!

67:23

قُلۡ هُوَ ٱلَّذِيٓ أَنشَأَكُمۡ وَجَعَلَ لَكُمُ ٱلسَّمۡعَ وَٱلۡأَبۡصَٰرَ وَٱلۡأَفۡـِٔدَةَۚ قَلِيلٗا مَّا تَشۡكُرُونَ ﴿23﴾

Transliteration: Qul huwa allathee anshaakum wajaAAala lakumu alssamAAa waalabsara waalafidata qaleelan ma tashkuroona

Translation: Ntumwa y’Imana! Vuga ubabwire uti: “Imana Allah, ni Yo Yabaremye; Ibaha amatwi kugira mushobore kwumva; Ibaha n’amaso kugira mushobore kubona; Ibaha n’imishaha kugira mushobore gutahura, ariko rero mushima gake cane!”;

67:24

قُلۡ هُوَ ٱلَّذِي ذَرَأَكُمۡ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَإِلَيۡهِ تُحۡشَرُونَ ﴿24﴾

Transliteration: Qul huwa allathee tharaakum fee alardi wailayhi tuhsharoona

Translation: Vuga ubabwire uti: “Imana Allah, ni Yo Yabaremye Ibakwiragiza hose kw’isi, ni no kuri Yo rero muzokwegeranirizwa ku musi w’izuka”.

67:25

وَيَقُولُونَ مَتَىٰ هَٰذَا ٱلۡوَعۡدُ إِن كُنتُمۡ صَٰدِقِينَ ﴿25﴾

Transliteration: Wayaqooloona mata hatha alwaAAdu in kuntum sadiqeena

Translation: Abagarariji na bo barinamura bakavuga bati: “Iryo sango ry’umusi w’izuka, rizoshika ryari ga Muhama? Bemeramana! Nimwaba muvugisha ukuri, nimutubwire isango ry’uyo musi!”;

67:26

قُلۡ إِنَّمَا ٱلۡعِلۡمُ عِندَ ٱللَّهِ وَإِنَّمَآ أَنَا۠ نَذِيرٞ مُّبِينٞ ﴿26﴾

Transliteration: Qul innama alAAilmu AAinda Allahi wainnama ana natheerun mubeenun

Translation: Ntumwa y’Imana! Bishure uvuge uti: “Ubumenyi bw’isango ry’umusi w’umuhero w’isi, buzwi gusa n’Imana Allah. Jewe mu vy'ukuri, ndi Umugabisha gusa ku bihano vyayo, ntomora amabwirizwa yayo”.

67:27

فَلَمَّا رَأَوۡهُ زُلۡفَةٗ سِيٓـَٔتۡ وُجُوهُ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ وَقِيلَ هَٰذَا ٱلَّذِي كُنتُم بِهِۦ تَدَّعُونَ ﴿27﴾

Transliteration: Falamma raawhu zulfatan seeat wujoohu allatheena kafaroo waqeela hatha allathee kuntum bihi taddaAAoona

Translation: Igihe abagarariji babonye ibihano vy’Imana vyegereje, bazokwijirirwa mu maso, baheze babwirwe n’abamalayika bacungera umuriro n'agashinyaguro n'akantu, bati: “Ivyo, ni vya bihano mwahora musaba ku gutebura ko mwobihabwa kw’isi”.

67:28

قُلۡ أَرَءَيۡتُمۡ إِنۡ أَهۡلَكَنِيَ ٱللَّهُ وَمَن مَّعِيَ أَوۡ رَحِمَنَا فَمَن يُجِيرُ ٱلۡكَٰفِرِينَ مِنۡ عَذَابٍ أَلِيمٖ ﴿28﴾

Transliteration: Qul araaytum in ahlakaniya Allahu waman maAAiya aw rahimana faman yujeeru alkafireena min AAathabin aleemin

Translation: Ntumwa y’Imana! Vuga ubabwire uti: “Bagarariji! Nimumbwire, hamwe Imana Allah Yonyica hamwe n’abemeramana turi kumwe, canke Ikatubeshaho ku mpuhwe zayo, ni nde azokingira abagarariji ibihano vyayo bibabaza!”.

67:29

قُلۡ هُوَ ٱلرَّحۡمَٰنُ ءَامَنَّا بِهِۦ وَعَلَيۡهِ تَوَكَّلۡنَاۖ فَسَتَعۡلَمُونَ مَنۡ هُوَ فِي ضَلَٰلٖ مُّبِينٖ ﴿29﴾

Transliteration: Qul huwa alrrahmanu amanna bihi waAAalayhi tawakkalna fasataAAlamoona man huwa fee dalalin mubeenin

Translation: Ntumwa y’Imana! Nibatarikura mu kanwa, uraca ubabwira uti: “Ni Imana Allah Nyenimpuhwe, ni Yo twemeye twubahiriza n’amabwirizwa yayo, ni na Yo twishimikije, tunazeyeko n’uburaro n’uburamuko. Mu gihe kitari kirekire rero, muzomenya neza uwuri mu muzimagiza ugaragara, uri kure y’ukuri”.

67:30

قُلۡ أَرَءَيۡتُمۡ إِنۡ أَصۡبَحَ مَآؤُكُمۡ غَوۡرٗا فَمَن يَأۡتِيكُم بِمَآءٖ مَّعِينِۭ ﴿30﴾

Transliteration: Qul araaytum in asbaha maokum ghawran faman yateekum bimain maAAeenin

Translation: Ntumwa y’Imana! Vuga ubabwire uti: “Mbega mubona gute, mu gihe mwovyuka musanga amazi yanyu mwikorako yanyitse, ni nde wundi yobaronsa amazi meza y’iriba, atari Nyenimpuhwe Allah!”.

Transliteration source: English Transliteration by Tanzil. Used under Tanzil's non-commercial terms; see the source and latest updates at Tanzil. Tanzil translation download