quranm◉

Surah Nuh transliteration

◉ Sura · ∞

71:1

إِنَّآ أَرۡسَلۡنَا نُوحًا إِلَىٰ قَوۡمِهِۦٓ أَنۡ أَنذِرۡ قَوۡمَكَ مِن قَبۡلِ أَن يَأۡتِيَهُمۡ عَذَابٌ أَلِيمٞ ﴿1﴾

Transliteration: Inna arsalna noohan ila qawmihi an anthir qawmaka min qabli an yatiyahum AAathabun aleemun

Translation: Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twarungitse Intumwa Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) ku bantu bayo, Tuyibwira Duti: “Gabisha abantu bawe imbere yuko bashikirwa n’ibihano bibabaza cane”.

71:2

قَالَ يَٰقَوۡمِ إِنِّي لَكُمۡ نَذِيرٞ مُّبِينٌ ﴿2﴾

Transliteration: Qala ya qawmi innee lakum natheerun mubeenun

Translation: Intumwa y’Imana Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), iraheza ibabwira iti: “Bantu banje narungitsweko! Mu vy’ukuri jewe, ndi Umugabisha nyawe, nkaba ndi n’Intumwa kuri mwebwe.

71:3

أَنِ ٱعۡبُدُواْ ٱللَّهَ وَٱتَّقُوهُ وَأَطِيعُونِ ﴿3﴾

Transliteration: Ani oAAbudoo Allaha waittaqoohu waateeAAooni

Translation: Ico ndabararikiye si ikindi, ni uko mwokwiyegereza Imana Allah mu vyo mukora vyose mukanayisenga ari Imwe Rudende mutayibangikanya, mugaheza mugatinya ibihano vyayo, maze mukanyumvira mu kwubahiriza amabwirizwa ndabashikiriza;

71:4

يَغۡفِرۡ لَكُم مِّن ذُنُوبِكُمۡ وَيُؤَخِّرۡكُمۡ إِلَىٰٓ أَجَلٖ مُّسَمًّىۚ إِنَّ أَجَلَ ٱللَّهِ إِذَا جَآءَ لَا يُؤَخَّرُۚ لَوۡ كُنتُمۡ تَعۡلَمُونَ ﴿4﴾

Transliteration: Yaghfir lakum min thunoobikum wayuakhkhirkum ila ajalin musamman inna ajala Allahi itha jaa la yuakhkharu law kuntum taAAlamoona

Translation: Imana Allah, Izoheza Ibagumirize akabanga ku vyaha vyanyu ntibibahanire, Yongere Ibongerereze imyaka y’ukubaho gushika kw’isango ntarengwa ry’umwe wese muri mwebwe ryo gupfa. Mu vy’ukuri isango ntarengwa ryo gupfa, ryagenwe n’Imana Allah, rigeze ntirisubizwa inyuma. Iyo muba mubizi rero, mwokwihutiye ukwemera Imana Allah".

71:5

قَالَ رَبِّ إِنِّي دَعَوۡتُ قَوۡمِي لَيۡلٗا وَنَهَارٗا ﴿5﴾

Transliteration: Qala rabbi innee daAAawtu qawmee laylan wanaharan

Translation: Intumwa y’Imana Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), yavuze iti: “Mana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri aba bantu banje, narabahamagariye ku kwemera ijoro n’umurango;

71:6

فَلَمۡ يَزِدۡهُمۡ دُعَآءِيٓ إِلَّا فِرَارٗا ﴿6﴾

Transliteration: Falam yazidhum duAAaee illa firaran

Translation: Ariko ihamagara ryanje ryo kukwemera, nta co ryabunguye atari ukumpunga n’ukunyirengagiza;

71:7

وَإِنِّي كُلَّمَا دَعَوۡتُهُمۡ لِتَغۡفِرَ لَهُمۡ جَعَلُوٓاْ أَصَٰبِعَهُمۡ فِيٓ ءَاذَانِهِمۡ وَٱسۡتَغۡشَوۡاْ ثِيَابَهُمۡ وَأَصَرُّواْ وَٱسۡتَكۡبَرُواْ ٱسۡتِكۡبَارٗا ﴿7﴾

Transliteration: Wainnee kullama daAAawtuhum litaghfira lahum jaAAaloo asabiAAahum fee athanihim waistaghshaw thiyabahum waasarroo waistakbaroo istikbaran

Translation: Mu vy’ukuri, igihe cose ndabahamagariye ku kwemera kugira ngo Ubababarire ivyaha vyabo, baca bazibiza intoke amatwi yabo kugira ntibanyumve, bakipfuka n’impuzu zabo kugira ntibambone, gutyo bagatsimbatara ku buhakanyi, bakanirengagiza ukwemera ku manyama.

71:8

ثُمَّ إِنِّي دَعَوۡتُهُمۡ جِهَارٗا ﴿8﴾

Transliteration: Thumma innee daAAawtuhum jiharan

Translation: Hanyuma narabahamagariye ku kwemera izuba riva ku mugaragaro;

71:9

ثُمَّ إِنِّيٓ أَعۡلَنتُ لَهُمۡ وَأَسۡرَرۡتُ لَهُمۡ إِسۡرَارٗا ﴿9﴾

Transliteration: Thumma innee aAAlantu lahum waasrartu lahum israran

Translation: Hanyuma ndasemerera, ikindi gihe ndabongorera mw’ibanga;

71:10

فَقُلۡتُ ٱسۡتَغۡفِرُواْ رَبَّكُمۡ إِنَّهُۥ كَانَ غَفَّارٗا ﴿10﴾

Transliteration: Faqultu istaghfiroo rabbakum innahu kana ghaffaran

Translation: Ndaheza ndababwira nti: “Nimusabe Imana yanyu Rurema Allah imbabazi ku vyaha vyanyu, mwongere mwigaye kuri Yo ubugarariji bwanyu; mu vy’ukuri, ni Yo Nyenimbabazinyinshi;

71:11

يُرۡسِلِ ٱلسَّمَآءَ عَلَيۡكُم مِّدۡرَارٗا ﴿11﴾

Transliteration: Yursili alssamaa AAalaykum midraran

Translation: Nimwicisha bugufi ku Mana Allah, Izoheza Ibamanurire imvura nyinshi;

71:12

وَيُمۡدِدۡكُم بِأَمۡوَٰلٖ وَبَنِينَ وَيَجۡعَل لَّكُمۡ جَنَّـٰتٖ وَيَجۡعَل لَّكُمۡ أَنۡهَٰرٗا ﴿12﴾

Transliteration: Wayumdidkum biamwalin wabaneena wayajAAal lakum jannatin wayajAAal lakum anharan

Translation: Yongere Ibahe amatungo menshi n’ibibondo, Ibahe n’imirima itotahaye hamwe n’inzuzi.

71:13

مَّا لَكُمۡ لَا تَرۡجُونَ لِلَّهِ وَقَارٗا ﴿13﴾

Transliteration: Ma lakum la tarjoona lillahi waqaran

Translation: Mbega bantu! Ko mutubaha Imana yanyu Allah ngo muyizere, muyisenge!

71:14

وَقَدۡ خَلَقَكُمۡ أَطۡوَارًا ﴿14﴾

Transliteration: Waqad khalaqakum atwaran

Translation: Mu gihe ari Yo Yabaremye mu rukurikirane rutandukanye[1];

71:15

أَلَمۡ تَرَوۡاْ كَيۡفَ خَلَقَ ٱللَّهُ سَبۡعَ سَمَٰوَٰتٖ طِبَاقٗا ﴿15﴾

Transliteration: Alam taraw kayfa khalaqa Allahu sabAAa samawatin tibaqan

Translation: Mbega, ntimubona ukuntu Imana Allah Yaremye amajuru indwi agerekeranye!

71:16

وَجَعَلَ ٱلۡقَمَرَ فِيهِنَّ نُورٗا وَجَعَلَ ٱلشَّمۡسَ سِرَاجٗا ﴿16﴾

Transliteration: WajaAAala alqamara feehinna nooran wajaAAala alshshamsa sirajan

Translation: Iraheza Igira ukwezi kubaboneshereza mw’ijuru ribegereye, Igira n’izuba ngo ribabere itara ryakiriza bose rikabasusurutsa!

71:17

وَٱللَّهُ أَنۢبَتَكُم مِّنَ ٱلۡأَرۡضِ نَبَاتٗا ﴿17﴾

Transliteration: WaAllahu anbatakum mina alardi nabatan

Translation: Burya Imana Allah, Yaremye inkomoko yanyu mw’ivu[2]; nka kurya Imeza imbuto mw’isi;

71:18

ثُمَّ يُعِيدُكُمۡ فِيهَا وَيُخۡرِجُكُمۡ إِخۡرَاجٗا ﴿18﴾

Transliteration: Thumma yuAAeedukum feeha wayukhrijukum ikhrajan

Translation: Hanyuma, Imana Allah Izobasubiza mw’ivu mupfuye, Iheze Inaribazuremwo kandi ku musi w’impera.

71:19

وَٱللَّهُ جَعَلَ لَكُمُ ٱلۡأَرۡضَ بِسَاطٗا ﴿19﴾

Transliteration: WaAllahu jaAAala lakumu alarda bisatan

Translation: Imana Allah, ni Yo Yabagiriye isi nk’isaso;

71:20

لِّتَسۡلُكُواْ مِنۡهَا سُبُلٗا فِجَاجٗا ﴿20﴾

Transliteration: Litaslukoo minha subulan fijajan

Translation: Kugira ngo mugendagende mwidegemvye kuri yo”.

71:21

قَالَ نُوحٞ رَّبِّ إِنَّهُمۡ عَصَوۡنِي وَٱتَّبَعُواْ مَن لَّمۡ يَزِدۡهُ مَالُهُۥ وَوَلَدُهُۥٓ إِلَّا خَسَارٗا ﴿21﴾

Transliteration: Qala noohun rabbi innahum AAasawnee waittabaAAoo man lam yazidhu maluhu wawaladuhu illa khasaran

Translation: Intumwa y’Imana Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), yavuze iti: “Mana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri, abantu banje barimonogoje mu kungarariza, baraheza bakurikira abantu ata co amatungo yabo n’abana babo bizobungura, atari uguhuba kw’isi no guhomba mu buzima bw’inyuma yo gupfa.

71:22

وَمَكَرُواْ مَكۡرٗا كُبَّارٗا ﴿22﴾

Transliteration: Wamakaroo makran kubbaran

Translation: Abarongoye abandi, baragize n’ubwononyi bukomeye mu guhubisha ababumvira;

71:23

وَقَالُواْ لَا تَذَرُنَّ ءَالِهَتَكُمۡ وَلَا تَذَرُنَّ وَدّٗا وَلَا سُوَاعٗا وَلَا يَغُوثَ وَيَعُوقَ وَنَسۡرٗا ﴿23﴾

Transliteration: Waqaloo la tatharunna alihatakum wala tatharunna waddan wala suwaAAan wala yaghootha wayaAAooqa wanasran

Translation: Baraheza bavuga babwira ba nyarucari bati: “Ntimurote muvavanura no gusenga imana zanyu ngo musenge Imana ya Nuhu; ntimureke gusenga “Waddu”, canke “Suwaa’u”, canke “Yaghuuthi”, canke “Ya’uuqa” na “Nasri”[3]”.

71:24

وَقَدۡ أَضَلُّواْ كَثِيرٗاۖ وَلَا تَزِدِ ٱلظَّـٰلِمِينَ إِلَّا ضَلَٰلٗا ﴿24﴾

Transliteration: Waqad adalloo katheeran wala tazidi alththalimeena illa dalalan

Translation: Mu vy’ukuri abarongoye abandi, baramaze guhubisha ba nyarucari benshi. Kubera ivyo rero Mana! Ndagusavye ntiwongerereze abirenganije mu kukugarariza, kiretse ubuhuvyi n’agahombo ku kandi".

71:25

مِّمَّا خَطِيٓـَٰٔتِهِمۡ أُغۡرِقُواْ فَأُدۡخِلُواْ نَارٗا فَلَمۡ يَجِدُواْ لَهُم مِّن دُونِ ٱللَّهِ أَنصَارٗا ﴿25﴾

Transliteration: Mimma khateeatihim oghriqoo faodkhiloo naran falam yajidoo lahum min dooni Allahi ansaran

Translation: Kubera ibicumuro vyabo vy’agahomerabunwa rero, basomeshejwe nturi biturutse kw’isegenya. Bazokwinjizwa no mu muriro udahera. Ntibazoshobora kuronka ababatabara mu bihano, kiretse Imana Allah.

71:26

وَقَالَ نُوحٞ رَّبِّ لَا تَذَرۡ عَلَى ٱلۡأَرۡضِ مِنَ ٱلۡكَٰفِرِينَ دَيَّارًا ﴿26﴾

Transliteration: Waqala noohun rabbi la tathar AAala alardi mina alkafireena dayyaran

Translation: Intumwa y’Imana Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), imaze kwihebura ko batacemeye, yavuze iti: “Mana yanje Rurema Allah! Ntusige n’igisanira muri abo bagarariji, kigendagenda kw’isi;

71:27

إِنَّكَ إِن تَذَرۡهُمۡ يُضِلُّواْ عِبَادَكَ وَلَا يَلِدُوٓاْ إِلَّا فَاجِرٗا كَفَّارٗا ﴿27﴾

Transliteration: Innaka in tatharhum yudilloo AAibadaka wala yalidoo illa fajiran kaffaran

Translation: Mu vy’ukuri, niwabasigaza kuri iyi si, bazohubisha ibiremwa vyawe, kandi ntibazokwibaruka atari abantu b’abanyavyaha, b’abagarariji;

71:28

رَّبِّ ٱغۡفِرۡ لِي وَلِوَٰلِدَيَّ وَلِمَن دَخَلَ بَيۡتِيَ مُؤۡمِنٗا وَلِلۡمُؤۡمِنِينَ وَٱلۡمُؤۡمِنَٰتِۖ وَلَا تَزِدِ ٱلظَّـٰلِمِينَ إِلَّا تَبَارَۢا ﴿28﴾

Transliteration: Rabbi ighfir lee waliwalidayya waliman dakhala baytiya muminan walilmumineena waalmuminati wala tazidi alththalimeena illa tabaran

Translation: Mana yanje Rurema Allah! Ngirira imbabazi jewe n’abavyeyi banje, n’uwo wese yinjiye mu nzu yanje yemera Imana Allah. Wongere ubabarire abemeramana n’abemeramanakazi, kandi ntiwongerereze abirenganije mu kugarariza, kiretse ukubahonya kw'isi, hamwe n’agahombo mu buzima bw’inyuma yo gupfa”.

Transliteration source: English Transliteration by Tanzil. Used under Tanzil's non-commercial terms; see the source and latest updates at Tanzil. Tanzil translation download