quranm◉

Surah Al-Jinn transliteration

◉ Sura · ∞

72:1

قُلۡ أُوحِيَ إِلَيَّ أَنَّهُ ٱسۡتَمَعَ نَفَرٞ مِّنَ ٱلۡجِنِّ فَقَالُوٓاْ إِنَّا سَمِعۡنَا قُرۡءَانًا عَجَبٗا ﴿1﴾

Transliteration: Qul oohiya ilayya annahu istamaAAa nafarun mina aljinni faqaloo inna samiAAna quranan AAajaban

Translation: Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire abantu bawe uti: “Jewe, narahishuriwe ko umugwi w’Amajini wumvirije Qor’ani ndiko ndayisoma, uca ubwira benewabo uti: “Mu vy’ukuri twebwe Amajini, twumvise Qor’ani y’igitangaza;

72:2

يَهۡدِيٓ إِلَى ٱلرُّشۡدِ فَـَٔامَنَّا بِهِۦۖ وَلَن نُّشۡرِكَ بِرَبِّنَآ أَحَدٗا ﴿2﴾

Transliteration: Yahdee ila alrrushdi faamanna bihi walan nushrika birabbina ahadan

Translation: Irongora mu nzira igororotse, duca turayemera ko ari amajambo y’Imana Allah. Ntituzokwigera tubangikanya Imana yacu Rurema Allah n’ikintu na kimwe.

72:3

وَأَنَّهُۥ تَعَٰلَىٰ جَدُّ رَبِّنَا مَا ٱتَّخَذَ صَٰحِبَةٗ وَلَا وَلَدٗا ﴿3﴾

Transliteration: Waannahu taAAala jaddu rabbina ma ittakhatha sahibatan wala waladan

Translation: Twemera n’uko Imana yacu Rurema Allah Nyaguhabwa icubahiro n’iteka biyikwiye, Itigeze Igira umugore canke umwana;

72:4

وَأَنَّهُۥ كَانَ يَقُولُ سَفِيهُنَا عَلَى ٱللَّهِ شَطَطٗا ﴿4﴾

Transliteration: Waannahu kana yaqoolu safeehuna AAala Allahi shatatan

Translation: N’uko uwakehewe n’ubwenge muri twebwe ari we Ibilisi, yahora arementaniriza Imana Allah mu kuyomekera umugore n’umwana;

72:5

وَأَنَّا ظَنَنَّآ أَن لَّن تَقُولَ ٱلۡإِنسُ وَٱلۡجِنُّ عَلَى ٱللَّهِ كَذِبٗا ﴿5﴾

Transliteration: Waanna thananna an lan taqoola alinsu waaljinnu AAala Allahi kathiban

Translation: Mu vy’ukuri, twahora twiyumvira ko abantu hamwe n’Amajini, batazorementaniriza Imana Allah mu kuyomekera umugore n’umwana;

72:6

وَأَنَّهُۥ كَانَ رِجَالٞ مِّنَ ٱلۡإِنسِ يَعُوذُونَ بِرِجَالٖ مِّنَ ٱلۡجِنِّ فَزَادُوهُمۡ رَهَقٗا ﴿6﴾

Transliteration: Waannahu kana rijalun mina alinsi yaAAoothoona birijalin mina aljinni fazadoohum rahaqan

Translation: Twiyumvira n’uko, hariho abagabo mu biremwa-muntu, bahora bikingira ku bagabo mu Majini ngo babakingire ibibi mu rugendo[1], gutyo Amajini yongerereza abantu ubwoba bwo kuyatinya;

72:7

وَأَنَّهُمۡ ظَنُّواْ كَمَا ظَنَنتُمۡ أَن لَّن يَبۡعَثَ ٱللَّهُ أَحَدٗا ﴿7﴾

Transliteration: Waannahum thannoo kama thanantum an lan yabAAatha Allahu ahadan

Translation: N’uko abagarariji mu bantu, biyumvira nk’uko mwebwe Amajini mwiyumvira, ko Imana Allah Itazozura n’umwe mu biremwa.

72:8

وَأَنَّا لَمَسۡنَا ٱلسَّمَآءَ فَوَجَدۡنَٰهَا مُلِئَتۡ حَرَسٗا شَدِيدٗا وَشُهُبٗا ﴿8﴾

Transliteration: Waanna lamasna alssamaa fawajadnaha muliat harasan shadeedan washuhuban

Translation: Mu vy’ukuri, twaratumbereye amaja kw’ijuru gusuma urusaku, dusanga ryuzuye abamalayika bakomeye cane baricungereye n’ibishirira vy’inyenyeri nyakotsi.

72:9

وَأَنَّا كُنَّا نَقۡعُدُ مِنۡهَا مَقَٰعِدَ لِلسَّمۡعِۖ فَمَن يَسۡتَمِعِ ٱلۡأٓنَ يَجِدۡ لَهُۥ شِهَابٗا رَّصَدٗا ﴿9﴾

Transliteration: Waanna kunna naqAAudu minha maqaAAida lilssamAAi faman yastamiAAi alana yajid lahu shihaban rasadan

Translation: Mu vy’ukuri, twahora twicara ku mfuruka zaryo, mu vyicaro vyo gusuma urusaku. Kuva ubu, uwo wese rero ahirahiye ngo asume urusaku amaja kw’ijuru, asanga arindiriwe n’igishirira nyakotsi giturira[2].

72:10

وَأَنَّا لَا نَدۡرِيٓ أَشَرٌّ أُرِيدَ بِمَن فِي ٱلۡأَرۡضِ أَمۡ أَرَادَ بِهِمۡ رَبُّهُمۡ رَشَدٗا ﴿10﴾

Transliteration: Waanna la nadree asharrun oreeda biman fee alardi am arada bihim rabbuhum rashadan

Translation: Mu vy’ukuri, ntituzi rero ko gucungera ijuru bidasanzwe, ari ku nabi y’abari kw’isi, canke ko Imana yabo Rurema Allah Ibashakira ineza n’ubugororotsi!

72:11

وَأَنَّا مِنَّا ٱلصَّـٰلِحُونَ وَمِنَّا دُونَ ذَٰلِكَۖ كُنَّا طَرَآئِقَ قِدَدٗا ﴿11﴾

Transliteration: Waanna minna alssalihoona waminna doona thalika kunna taraiqa qidadan

Translation: Mu vy’ukuri, burya muri twebwe Amajini, harimwo abagororotsi bikwiye, harimwo kandi abagarariji n’ibigaba. Turi imigwi itandukanye mu kwemera.

72:12

وَأَنَّا ظَنَنَّآ أَن لَّن نُّعۡجِزَ ٱللَّهَ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَلَن نُّعۡجِزَهُۥ هَرَبٗا ﴿12﴾

Transliteration: Wanna thananna an lan nuAAjiza Allaha fee alardi walan nuAAjizahu haraban

Translation: Mu vy’ukuri, twari tuzi ko tutazonanira Imana Allah, aho tuzoba turi hose, haba kw’isi canke mu kirere, kandi ko ata buhungiro.

72:13

وَأَنَّا لَمَّا سَمِعۡنَا ٱلۡهُدَىٰٓ ءَامَنَّا بِهِۦۖ فَمَن يُؤۡمِنۢ بِرَبِّهِۦ فَلَا يَخَافُ بَخۡسٗا وَلَا رَهَقٗا ﴿13﴾

Transliteration: Waanna lamma samiAAna alhuda amanna bihi faman yumin birabbihi fala yakhafu bakhsan wala rahaqan

Translation: Mu vy’ukuri, igihe twumva Qor’ani, twaciye tuyemera ata guhigimanga ko ari ukuri kuvuye ku Mana Allah. Kubera ivyo rero, uwo wese yemera Imana yiwe Rurema Allah, ntatinya kurenganywa mu kugabanywa ku ndishi canke kurengerezwa ku vyaha.

72:14

وَأَنَّا مِنَّا ٱلۡمُسۡلِمُونَ وَمِنَّا ٱلۡقَٰسِطُونَۖ فَمَنۡ أَسۡلَمَ فَأُوْلَـٰٓئِكَ تَحَرَّوۡاْ رَشَدٗا ﴿14﴾

Transliteration: Waanna minna almuslimoona waminna alqasitoona faman aslama faolaika taharraw rashadan

Translation: Muri twebwe rero, harimwo abislamu b’ukuri, hakabamwo n’abirenganya mu kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah. Abazokwicisha bugufi rero bakaba abislamu; abo, ni bo bazoba batumbereye inzira y’ukuri.

72:15

وَأَمَّا ٱلۡقَٰسِطُونَ فَكَانُواْ لِجَهَنَّمَ حَطَبٗا ﴿15﴾

Transliteration: Waama alqasitoona fakanoo lijahannama hataban

Translation: Nayo abirenganije mu kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah; abo, ni bo bazoba inkwi z’umuriro udahera Jahannamu”.

72:16

وَأَلَّوِ ٱسۡتَقَٰمُواْ عَلَى ٱلطَّرِيقَةِ لَأَسۡقَيۡنَٰهُم مَّآءً غَدَقٗا ﴿16﴾

Transliteration: Waallawi istaqamoo AAala alttareeqati laasqaynahum maan ghadaqan

Translation: Iyo abagarariji mu bantu no mu Majini barongoka mu nzira y’ukwemera Imana Allah, bakaba abislamu, Twebwe Allah, Twari kubaronsa amazi menshi cane bakoroherwa mu kuronka ibibabeshaho mu buzima bwo kw’isi;

72:17

لِّنَفۡتِنَهُمۡ فِيهِۚ وَمَن يُعۡرِضۡ عَن ذِكۡرِ رَبِّهِۦ يَسۡلُكۡهُ عَذَابٗا صَعَدٗا ﴿17﴾

Transliteration: Linaftinahum feehi waman yuAArid AAan thikri rabbihi yaslukhu AAathaban saAAadan

Translation: Kugira ngo Tubagerageze ko bashima inema bahawe n’Imana Allah. Uwo wese rero azokwirengagiza kwumviriza no kugendera urwibutso rw’Imana yiwe Rurema Allah rwa Qor’ani, Imana Allah Izomushira mu bihano bikomeye.

72:18

وَأَنَّ ٱلۡمَسَٰجِدَ لِلَّهِ فَلَا تَدۡعُواْ مَعَ ٱللَّهِ أَحَدٗا ﴿18﴾

Transliteration: Waanna almasajida lillahi fala tadAAoo maAAa Allahi ahadan

Translation: Mu vy’ukuri imisigiti yose, ni iy’Imana Allah, yagenewe ko Isengerwamwo. Kubera ivyo rero, ntimuze muyisengeremwo ikindi kintu hamwe n’Imana Allah, gutyo muheze musabe, musenge ku bw’Imana Allah[3].

72:19

وَأَنَّهُۥ لَمَّا قَامَ عَبۡدُ ٱللَّهِ يَدۡعُوهُ كَادُواْ يَكُونُونَ عَلَيۡهِ لِبَدٗا ﴿19﴾

Transliteration: Waannahu lamma qama AAabdu Allahi yadAAoohu kadoo yakoonoona AAalayhi libadan

Translation: Narahishuriwe n’uko igihe Umuja w’Imana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yariko arasengera ahitwa Batwnu Nakhla, Amajini yahatswe kwuriranako bitewe n’umugundano wo guhurumbira kwumviriza Qor’ani.

72:20

قُلۡ إِنَّمَآ أَدۡعُواْ رَبِّي وَلَآ أُشۡرِكُ بِهِۦٓ أَحَدٗا ﴿20﴾

Transliteration: Qul innama adAAoo rabbee wala oshriku bihi ahadan

Translation: Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire abagarariji uti: “Jewe, nsenga gusa Imana yanje Rurema Allah Yonyene, kandi sindayibangikanya n’ikindi kintu mu kuyisenga”.

72:21

قُلۡ إِنِّي لَآ أَمۡلِكُ لَكُمۡ ضَرّٗا وَلَا رَشَدٗا ﴿21﴾

Transliteration: Qul innee la amliku lakum darran wala rashadan

Translation: Babwire uti: “Jewe mu vy’ukuri, nta bushobozi mfise bwo kubakingira ikibi canke bwo kubaronsa iciza”.

72:22

قُلۡ إِنِّي لَن يُجِيرَنِي مِنَ ٱللَّهِ أَحَدٞ وَلَنۡ أَجِدَ مِن دُونِهِۦ مُلۡتَحَدًا ﴿22﴾

Transliteration: Qul innee lan yujeeranee mina Allahi ahadun walan ajida min doonihi multahadan

Translation: Babwire uti: “Jewe mu vy’ukuri, nta n’umwe ashoboye kunkingira ibihano vy’Imana Allah mu gihe noyigarariza; kandi muri ico gihe, nta buhungiro noronka atari ku Mana Allah;

72:23

إِلَّا بَلَٰغٗا مِّنَ ٱللَّهِ وَرِسَٰلَٰتِهِۦۚ وَمَن يَعۡصِ ٱللَّهَ وَرَسُولَهُۥ فَإِنَّ لَهُۥ نَارَ جَهَنَّمَ خَٰلِدِينَ فِيهَآ أَبَدًا ﴿23﴾

Transliteration: Illa balaghan mina Allahi warisalatihi waman yaAAsi Allaha warasoolahu fainna lahu nara jahannama khalideena feeha abadan

Translation: Nta na kimwe njejwe, kiretse gushikiriza ubutumwa, Imana Allah Yandungikanye. Uwo wese rero azogarariza Imana Allah hamwe n’Intumwa yayo, nta nkeka ko indishi yiwe ari umuriro udahera Jahannamu, azowubamwo ibihe bidahera, mu bihano vyamaho”.

72:24

حَتَّىٰٓ إِذَا رَأَوۡاْ مَا يُوعَدُونَ فَسَيَعۡلَمُونَ مَنۡ أَضۡعَفُ نَاصِرٗا وَأَقَلُّ عَدَدٗا ﴿24﴾

Transliteration: Hatta itha raaw ma yooAAadoona fasayaAAlamoona man adAAafu nasiran waaqallu AAadadan

Translation: Kugeza aho ababangikanyamana bazobonera ibihano basezeraniwe, aho ni ho rero bazoheza bagatahura uwufise abatabazi bagoyagoya, kandi bari ku rushi.

72:25

قُلۡ إِنۡ أَدۡرِيٓ أَقَرِيبٞ مَّا تُوعَدُونَ أَمۡ يَجۡعَلُ لَهُۥ رَبِّيٓ أَمَدًا ﴿25﴾

Transliteration: Qul in adree aqareebun ma tooAAadoona am yajAAalu lahu rabbee amadan

Translation: Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Sinzi ko ivyo bihano mwasezeraniwe biri hafi gushika, canke ko Imana yanje Rurema Allah Izobiha ikiringo kirekire, bitarashika”.

72:26

عَٰلِمُ ٱلۡغَيۡبِ فَلَا يُظۡهِرُ عَلَىٰ غَيۡبِهِۦٓ أَحَدًا ﴿26﴾

Transliteration: AAalimu alghaybi fala yuthhiru AAala ghaybihi ahadan

Translation: Imana Allah, ni Yo Izi ibinyegejwe ibiremwa, kandi ntiyereka uwo ari we wese ivyo binyegezwa vyayo;

72:27

إِلَّا مَنِ ٱرۡتَضَىٰ مِن رَّسُولٖ فَإِنَّهُۥ يَسۡلُكُ مِنۢ بَيۡنِ يَدَيۡهِ وَمِنۡ خَلۡفِهِۦ رَصَدٗا ﴿27﴾

Transliteration: Illa mani irtada min rasoolin fainnahu yasluku min bayni yadayhi wamin khalfihi rasadan

Translation: Kiretse uwo Yishimiye Ikamugira Intumwa. Uyo muri ico gihe rero, Imana Allah Iraheza Ikamwereka mu binyegezwa vyayo, Ikanamurungikira abamalayika bamucungereye imbere n’inyuma yiwe, ku kuzitira abasumyi b’urusaku mu Majini[4];

72:28

لِّيَعۡلَمَ أَن قَدۡ أَبۡلَغُواْ رِسَٰلَٰتِ رَبِّهِمۡ وَأَحَاطَ بِمَا لَدَيۡهِمۡ وَأَحۡصَىٰ كُلَّ شَيۡءٍ عَدَدَۢا ﴿28﴾

Transliteration: LiyaAAlama an qad ablaghoo risalati rabbihim waahata bima ladayhim waahsa kulla shayin AAadadan

Translation: Kugira ngo Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), imenye ko n'Intumwa z’aho hambere yayo, zakingiwe nkayo mu gihe co gushikiriza ubutumwa, n’uko ikingiwe Amajini nk’uko zakingiwe; yongere imenye n’uko ubumenyi bw’Imana Allah, bukikuje ukuntu izo Ntumwa zimerewe hamwe n’amabwirizwa zikeneye kwisunga; imenye kandi n’uko Imana Allah Izi bikwiye igitigiri c’ibintu vyose.

Transliteration source: English Transliteration by Tanzil. Used under Tanzil's non-commercial terms; see the source and latest updates at Tanzil. Tanzil translation download