quranm◉

Surah Ya-Sin transliteration

◉ Sura · ∞

36:1

يسٓ ﴿1﴾

Transliteration: Yaseen

Translation: Yaa Siin[1].

36:2

وَٱلۡقُرۡءَانِ ٱلۡحَكِيمِ ﴿2﴾

Transliteration: Waalqurani alhakeemi

Translation: Jewe Allah, Ndarahiye kuri iyo Qor’ani itomora neza imvo n’imvano z’ingingo n’amabwirizwa;

36:3

إِنَّكَ لَمِنَ ٱلۡمُرۡسَلِينَ ﴿3﴾

Transliteration: Innaka lamina almursaleena

Translation: Ndarahiye mu vy’ukuri, ko wewe Muhamadi uri Intumwa mu Ntumwa z’Imana zahishuriwe zikarungikwa kurongora ibiremwa;

36:4

عَلَىٰ صِرَٰطٖ مُّسۡتَقِيمٖ ﴿4﴾

Transliteration: AAala siratin mustaqeemin

Translation: Uri mu nzira y’Imana Allah igororotse y’ubwislamu;

36:5

تَنزِيلَ ٱلۡعَزِيزِ ٱلرَّحِيمِ ﴿5﴾

Transliteration: Tanzeela alAAazeezi alrraheemi

Translation: Qor’ani yamanuwe n’Imana Allah, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo!

36:6

لِتُنذِرَ قَوۡمٗا مَّآ أُنذِرَ ءَابَآؤُهُمۡ فَهُمۡ غَٰفِلُونَ ﴿6﴾

Transliteration: Litunthira qawman ma onthira abaohum fahum ghafiloona

Translation: Ntumwa y’Imana! Warungikanwe Qor’ani, kugira ugabishe ku bihano vy’Imana Allah, abantu ba se babo batagabishijwe igihe kirekire, baraheza rero baragotwa ntibemera[2];

36:7

لَقَدۡ حَقَّ ٱلۡقَوۡلُ عَلَىٰٓ أَكۡثَرِهِمۡ فَهُمۡ لَا يُؤۡمِنُونَ ﴿7﴾

Transliteration: Laqad haqqa alqawlu AAala aktharihim fahum la yuminoona

Translation: Ni ukuri abenshi muri bo, bakwiye guhanwa ku kurendegera mw’ibangikanyamana, mu gihe bagabishijwe bagahakana, ntibemera Imana Allah n’Intumwa yayo ngo bakore n'ivyiza bitegetswe;

36:8

إِنَّا جَعَلۡنَا فِيٓ أَعۡنَٰقِهِمۡ أَغۡلَٰلٗا فَهِيَ إِلَى ٱلۡأَذۡقَانِ فَهُم مُّقۡمَحُونَ ﴿8﴾

Transliteration: Inna jaAAalna fee aAAnaqihim aghlalan fahiya ila alathqani fahum muqmahoona

Translation: Mu vy’ukuri, abo bagarariji mu kutemera kwabo, ni nk’abo Twebwe Allah Twabohesheje iminyororo mw’izosi rikomanye n’amaboko, baraheza bararika umutwe baraba hejuru, ntibashobora kubona iciza n’inzira y’ukuri ngo bayikurikire.

36:9

وَجَعَلۡنَا مِنۢ بَيۡنِ أَيۡدِيهِمۡ سَدّٗا وَمِنۡ خَلۡفِهِمۡ سَدّٗا فَأَغۡشَيۡنَٰهُمۡ فَهُمۡ لَا يُبۡصِرُونَ ﴿9﴾

Transliteration: WajaAAalna min bayni aydeehim saddan wamin khalfihim saddan faaghshaynahum fahum la yubsiroona

Translation: Imbere yabo n’inyuma yabo hose, Twebwe Allah Twarahakingiriye baraheza baba nk’uwugariwe inzira imbere n’inyuma yiwe, maze Duhumya n’amaso yabo, ntibashobora kubona n’inzira ibarongora ku kuri, kubera amanyama n’ubugarariji vyabo[3];

36:10

وَسَوَآءٌ عَلَيۡهِمۡ ءَأَنذَرۡتَهُمۡ أَمۡ لَمۡ تُنذِرۡهُمۡ لَا يُؤۡمِنُونَ ﴿10﴾

Transliteration: Wasawaon AAalayhim aanthartahum am lam tunthirhum la yuminoona

Translation: Kuburira abagarariji rero no kutababurira, vyose ni co kimwe. Ntibazokwigera bemera.

36:11

إِنَّمَا تُنذِرُ مَنِ ٱتَّبَعَ ٱلذِّكۡرَ وَخَشِيَ ٱلرَّحۡمَٰنَ بِٱلۡغَيۡبِۖ فَبَشِّرۡهُ بِمَغۡفِرَةٖ وَأَجۡرٖ كَرِيمٍ ﴿11﴾

Transliteration: Innama tunthiru mani ittabaAAa alththikra wakhashiya alrrahmana bialghaybi fabashshirhu bimaghfiratin waajrin kareemin

Translation: Ntumwa y’Imana! Wewe mu vy’ukuri, igabisha ryawe ryungura uwemera Qor’ani akubahiriza n’amabwirizwa yayo, akanatinya ibihano vya Nyenimpuhwe Allah mu gihe ari ahiherereye. Uyo rero, mushikirize inkuru nziza ihumuriza, ko azogumirizwa akabanga ku vyaha vyiwe, aheze ababarirwe mu buzima bw’inyuma yo gupfa, azonaronka n’impano zubashwe kandi zamaho mu Bwami bw’ijuru.

36:12

إِنَّا نَحۡنُ نُحۡيِ ٱلۡمَوۡتَىٰ وَنَكۡتُبُ مَا قَدَّمُواْ وَءَاثَٰرَهُمۡۚ وَكُلَّ شَيۡءٍ أَحۡصَيۡنَٰهُ فِيٓ إِمَامٖ مُّبِينٖ ﴿12﴾

Transliteration: Inna nahnu nuhyee almawta wanaktubu ma qaddamoo waatharahum wakulla shayin ahsaynahu fee imamin mubeenin

Translation: Mu vy’ukuri, ni Twebwe Allah Tuzosubiza ubuzima abapfuye, maze bakazuka ku musi w’izuka, Turanandika n’ivyo bakoze vyose, vyaba ivyiza canke ibibi, Tukandika n’ivyo babaye imvo yuko bibandanya gukorwa kw’isi baramaze gupfa, vyaba ivyiza[4] canke ibibi[5], kandi rero ikintu ico ari co cose bakoze, Twarakibungabunze mu Gitabu nyezina canditswemwo ivyagezwe n’ishirwa mu ngiro ryavyo “Lawhu Mahfuudhw”.

36:13

وَٱضۡرِبۡ لَهُم مَّثَلًا أَصۡحَٰبَ ٱلۡقَرۡيَةِ إِذۡ جَآءَهَا ٱلۡمُرۡسَلُونَ ﴿13﴾

Transliteration: Waidrib lahum mathalan ashaba alqaryati ith jaaha almursaloona

Translation: Ntumwa y’Imana! Ababangikanyamana baguhakana, bacire agace k’abantu bigeze kuba mu gacimbiri kari aho, igihe bashikirwa n’Intumwa;

36:14

إِذۡ أَرۡسَلۡنَآ إِلَيۡهِمُ ٱثۡنَيۡنِ فَكَذَّبُوهُمَا فَعَزَّزۡنَا بِثَالِثٖ فَقَالُوٓاْ إِنَّآ إِلَيۡكُم مُّرۡسَلُونَ ﴿14﴾

Transliteration: Ith arsalna ilayhimu ithnayni fakaththaboohuma faAAazzazna bithalithin faqaloo inna ilaykum mursaloona

Translation: Igihe Twebwe Allah Tubarungikiye Intumwa zibiri, kugira zibararikire isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah bakazihakana bivuye inyuma, Duca Tuzitera intege mu kurungikwa kw’Intumwa igira gatatu, nya Ntumwa uko ari zitatu zikavuga ziti: “Mu vy’ukuri, twebwe turi Intumwa zarungitswe kuri mwebwe”.

36:15

قَالُواْ مَآ أَنتُمۡ إِلَّا بَشَرٞ مِّثۡلُنَا وَمَآ أَنزَلَ ٱلرَّحۡمَٰنُ مِن شَيۡءٍ إِنۡ أَنتُمۡ إِلَّا تَكۡذِبُونَ ﴿15﴾

Transliteration: Qaloo ma antum illa basharun mithluna wama anzala alrrahmanu min shayin in antum illa takthiboona

Translation: Ba bantu bo mu gacimbiri, baraheza bazishura bati: “Mwebwe nta kindi muri, kiretse ko muri abantu nkatwe, kandi Nyenimpuhwe Allah ntiyabahishuriye na kimwe, mwebwe nta co muri kiretse ko mubesha”.

36:16

قَالُواْ رَبُّنَا يَعۡلَمُ إِنَّآ إِلَيۡكُمۡ لَمُرۡسَلُونَ ﴿16﴾

Transliteration: Qaloo rabbuna yaAAlamu inna ilaykum lamursaloona

Translation: Nya Ntumwa ziraheza zishura zishimitse ziti: “Imana yacu Rurema Allah, Irazi neza ko mu vy’ukuri twarungitswe kuri mwebwe;

36:17

وَمَا عَلَيۡنَآ إِلَّا ٱلۡبَلَٰغُ ٱلۡمُبِينُ ﴿17﴾

Transliteration: Wama AAalayna illa albalaghu almubeenu

Translation: Kandi twebwe nta co tujejwe, atari ukubashikiriza gusa ubutumwa butomoye. Ntitujejwe kubahatira ukwemera”.

36:18

قَالُوٓاْ إِنَّا تَطَيَّرۡنَا بِكُمۡۖ لَئِن لَّمۡ تَنتَهُواْ لَنَرۡجُمَنَّكُمۡ وَلَيَمَسَّنَّكُم مِّنَّا عَذَابٌ أَلِيمٞ ﴿18﴾

Transliteration: Qaloo inna tatayyarna bikum lain lam tantahoo lanarjumannakum walayamassannakum minna AAathabun aleemun

Translation: Ba bantu bo mu gacimbiri, baraheza bavuga bati: “Mu vy’ukuri, mwaduteye umwaku, nimutavavanura no kuturarikira isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah, ni ukuri tuzobicisha amabuye, kandi ni ukuri tuzobaha ibihano bibabaza”.

36:19

قَالُواْ طَـٰٓئِرُكُم مَّعَكُمۡ أَئِن ذُكِّرۡتُمۚ بَلۡ أَنتُمۡ قَوۡمٞ مُّسۡرِفُونَ ﴿19﴾

Transliteration: Qaloo tairukum maAAakum ain thukkirtum bal antum qawmun musrifoona

Translation: Za Ntumwa ziraheza zishura ziti: “Umwaku nyabuna, muwuterwa n’ibangikanyamana hamwe n’ibikorwa vyanyu bibi. Mbega none kwibutswa ku neza yanyu, ni co cotuma tubatera umwaku mukanadutera ubwoba bwo kwicishwa amabuye no guhanwa! Ahubwo rero, mwebwe muri abantu bimonogoje mu bugarariji”.

36:20

وَجَآءَ مِنۡ أَقۡصَا ٱلۡمَدِينَةِ رَجُلٞ يَسۡعَىٰ قَالَ يَٰقَوۡمِ ٱتَّبِعُواْ ٱلۡمُرۡسَلِينَ ﴿20﴾

Transliteration: Wajaa min aqsa almadeenati rajulun yasAAa qala ya qawmi ittabiAAoo almursaleena

Translation: Ni ho rero hirya y’igisagara, hava umuntu aje anyaragasa, inyuma y’aho yumviye ko hari umugambi wo kwica nya Ntumwa canke kuzihana, araheza abwira ba bantu bo mu gacimbiri abinginga ati: “Emwe bantu banje! Enda nyabuna rero, nimukurikire Intumwa mwarungikiwe n’Imana Allah;

36:21

ٱتَّبِعُواْ مَن لَّا يَسۡـَٔلُكُمۡ أَجۡرٗا وَهُم مُّهۡتَدُونَ ﴿21﴾

Transliteration: IttabiAAoo man la yasalukum ajran wahum muhtadoona

Translation: Nimukurikire Intumwa zitigera zibasaba impembo kw’ishikirizabutumwa ryazo; kanatsinda, izo Ntumwa ni n’abagororotsi mu vyo zibararikira;

36:22

وَمَالِيَ لَآ أَعۡبُدُ ٱلَّذِي فَطَرَنِي وَإِلَيۡهِ تُرۡجَعُونَ ﴿22﴾

Transliteration: Wama liya la aAAbudu allathee fataranee wailayhi turjaAAoona

Translation: Mbega nobuzwa n’iki gusenga Imana Allah Yandemye, hakaba ari no kuri Yo jewe na mwe tuzosubira!

36:23

ءَأَتَّخِذُ مِن دُونِهِۦٓ ءَالِهَةً إِن يُرِدۡنِ ٱلرَّحۡمَٰنُ بِضُرّٖ لَّا تُغۡنِ عَنِّي شَفَٰعَتُهُمۡ شَيۡـٔٗا وَلَا يُنقِذُونِ ﴿23﴾

Transliteration: Aattakhithu min doonihi alihatan in yuridni alrrahmanu bidurrin la tughni AAannee shafaAAatuhum shayan wala yunqithooni

Translation: Vyoshoboka gute ko nsenga mu gishingo cayo ibigirwamana ata na kimwe bimaze, mu gihe Nyenimpuhwe Allah Yoshaka ko nshikirwa n’inabi, nya bigirwamana bidashobora kunkingira canke ngo bintabare;

36:24

إِنِّيٓ إِذٗا لَّفِي ضَلَٰلٖ مُّبِينٍ ﴿24﴾

Transliteration: Innee ithan lafee dalalin mubeenin

Translation: Mu vy’ukuri, mu gihe nohirahira nkabangikanya Imana Allah, ni ukuri noba ndi mu buhuvyi bugaragara;

36:25

إِنِّيٓ ءَامَنتُ بِرَبِّكُمۡ فَٱسۡمَعُونِ ﴿25﴾

Transliteration: Innee amantu birabbikum faismaAAooni

Translation: Mu vy’ukuri, jewe nemera Imana yanyu Rurema Allah. Kubera ivyo rero, nimwumve impanuro ndabahaye muheze mwemere”. Ni ho rero, ba bantu bo mu gacimbiri baca bamusimbirako baramwica;

36:26

قِيلَ ٱدۡخُلِ ٱلۡجَنَّةَۖ قَالَ يَٰلَيۡتَ قَوۡمِي يَعۡلَمُونَ ﴿26﴾

Transliteration: Qeela odkhuli aljannata qala ya layta qawmee yaAAlamoona

Translation: Maze yakirwa mu Bwami bw’ijuru abwirwa ati: “Kaze, niwinjire mu Bwami bw’ijuru”. Araheza avuga ari mu nema zo mu Bwami bw’ijuru ati: “Ese iyo abantu banje bamenya iherezo ryanje ryiza;

36:27

بِمَا غَفَرَ لِي رَبِّي وَجَعَلَنِي مِنَ ٱلۡمُكۡرَمِينَ ﴿27﴾

Transliteration: Bima ghafara lee rabbee wajaAAalanee mina almukrameena

Translation: Ese iyo bamenya ukuntu Imana yanje Rurema Allah Yambabariye ivyaha vyanje, Ikanantera iteka ryo kwinjira mu Bwami bw’ijuru, na bo bagaheza bakayemera maze Ikabinjiza mu Bwami bw’ijuru!”.

36:28

وَمَآ أَنزَلۡنَا عَلَىٰ قَوۡمِهِۦ مِنۢ بَعۡدِهِۦ مِن جُندٖ مِّنَ ٱلسَّمَآءِ وَمَا كُنَّا مُنزِلِينَ ﴿28﴾

Transliteration: Wama anzalna AAala qawmihi min baAAdihi min jundin mina alssamai wama kunna munzileena

Translation: Mu nyuma y’aho abantu biwe biciye umuhanuzi yaje kwamama ko batohirahira ngo bice Intumwa, bakanazihakana bivuye inyuma, ntitwashotse Tubamanurira ingabo mu kubahana, eka ntivyari binakenewe kubamanurira abamalayika bavuye mw’ijuru ngo babahane, ariko Twabarungikiye ibihano birabahonya.

36:29

إِن كَانَتۡ إِلَّا صَيۡحَةٗ وَٰحِدَةٗ فَإِذَا هُمۡ خَٰمِدُونَ ﴿29﴾

Transliteration: In kanat illa sayhatan wahidatan faitha hum khamidoona

Translation: Ihonywa ryabo rero ntiryabaye ukundi, kiretse ivuzwa rimwe gusa ry’akaruru gahonya, ubwo nyene bose bapfira rimwe, basigara ari ibiziga vyibereye ng’aho.

36:30

يَٰحَسۡرَةً عَلَى ٱلۡعِبَادِۚ مَا يَأۡتِيهِم مِّن رَّسُولٍ إِلَّا كَانُواْ بِهِۦ يَسۡتَهۡزِءُونَ ﴿30﴾

Transliteration: Ya hasratan AAala alAAibadi ma yateehim min rasoolin illa kanoo bihi yastahzioona

Translation: Ese agahombo n’ukwicuza vy’akataraboneka bizoshikira abagararije ku musi w’izuka, igihe biboneye ibihano ukuri kwamye! Ntibashikirwa n’Intumwa n’imwe irungitswe n’Imana Allah, kiretse ko bayiteburako bakayisuzugura.

36:31

أَلَمۡ يَرَوۡاْ كَمۡ أَهۡلَكۡنَا قَبۡلَهُم مِّنَ ٱلۡقُرُونِ أَنَّهُمۡ إِلَيۡهِمۡ لَا يَرۡجِعُونَ ﴿31﴾

Transliteration: Alam yaraw kam ahlakna qablahum mina alqurooni annahum ilayhim la yarjiAAoona

Translation: Mbega abatebura ku Ntumwa bakazihakana, ntibabona ko Twebwe Allah, Twahoneje imigwi myinshi y’abahakanye Intumwa hambere yabo, n’uko nya migwi itazogenda igarutse kandi kw’isi mu nyuma y’ihonywa ryayo!

36:32

وَإِن كُلّٞ لَّمَّا جَمِيعٞ لَّدَيۡنَا مُحۡضَرُونَ ﴿32﴾

Transliteration: Wain kullun lamma jameeAAun ladayna muhdaroona

Translation: Nta n’umwe rero mu bantu, yaba mu migwi Twahoneje canke mu yo Tutahoneje, kiretse ko iyo migwi yose izokwegeranirizwa iwacu Twebwe Allah, ku musi w’izuka kugira iharurirwe, iheze ihemberwe ivyo yakoze.

36:33

وَءَايَةٞ لَّهُمُ ٱلۡأَرۡضُ ٱلۡمَيۡتَةُ أَحۡيَيۡنَٰهَا وَأَخۡرَجۡنَا مِنۡهَا حَبّٗا فَمِنۡهُ يَأۡكُلُونَ ﴿33﴾

Transliteration: Waayatun lahumu alardu almaytatu ahyaynaha waakhrajna minha habban faminhu yakuloona

Translation: Icemezo cereka ababangikanyamana ko Imana Allah Ishoboye kuzura abapfuye, ni isi yagadutse igacika ubukumbagare, aho Twebwe Allah, Dutuma hagwa imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, Tugaheza Tukayitotahaza, maze Tukayinagishako n’ibiterwa mbumbarugo vy’ubwoko butandukanye, hakoreshejwe amazi ya nya mvura, abantu bagaheza bakabifungurako, bo hamwe n’ibitungwa vyabo;

36:34

وَجَعَلۡنَا فِيهَا جَنَّـٰتٖ مِّن نَّخِيلٖ وَأَعۡنَٰبٖ وَفَجَّرۡنَا فِيهَا مِنَ ٱلۡعُيُونِ ﴿34﴾

Transliteration: WajaAAalna feeha jannatin min nakheelin waaAAnabin wafajjarna feeha mina alAAuyooni

Translation: Maze Tukagira n’imirima y’itende n’iy’imizabibu, Tugaca n’amariba y’amazi atemba kw’isi, kugira bavomere nya mirima.

36:35

لِيَأۡكُلُواْ مِن ثَمَرِهِۦ وَمَا عَمِلَتۡهُ أَيۡدِيهِمۡۚ أَفَلَا يَشۡكُرُونَ ﴿35﴾

Transliteration: Liyakuloo min thamarihi wama AAamilathu aydeehim afala yashkuroona

Translation: Ivyo vyose rero, Tubigira kugira abantu bafungure ku vyamwa vy’iyo mirima itanaga ngo itotahare ku bw’inguvu n’ubuhinga vyabo. Ubwo none ntiboshimira Imana Allah ku nema zayo z'umurengera!

36:36

سُبۡحَٰنَ ٱلَّذِي خَلَقَ ٱلۡأَزۡوَٰجَ كُلَّهَا مِمَّا تُنۢبِتُ ٱلۡأَرۡضُ وَمِنۡ أَنفُسِهِمۡ وَمِمَّا لَا يَعۡلَمُونَ ﴿36﴾

Transliteration: Subhana allathee khalaqa alazwaja kullaha mimma tunbitu alardu wamin anfusihim wamimma la yaAAlamoona

Translation: Nihaninahazwe rero Imana Allah Yaremye amoko yose y’ibiterwa n’ivyimeza kw’isi, Ikarema igitsina-gabo n’igitsina-gore no mu bantu nyene, no mu bindi biremwa rero batazi[6].

36:37

وَءَايَةٞ لَّهُمُ ٱلَّيۡلُ نَسۡلَخُ مِنۡهُ ٱلنَّهَارَ فَإِذَا هُم مُّظۡلِمُونَ ﴿37﴾

Transliteration: Waayatun lahumu allaylu naslakhu minhu alnnahara faitha hum muthlimoona

Translation: Biri no mu vyemezo vyereka ababangikanyamana, ko Imana Allah ari Imwe mu bumana no mu bubasha bwayo; ijoro Twebwe Allah Dukurako umuco w’umurango, maze aho baherereye bagaca baja mu muzimagiza waryo;

36:38

وَٱلشَّمۡسُ تَجۡرِي لِمُسۡتَقَرّٖ لَّهَاۚ ذَٰلِكَ تَقۡدِيرُ ٱلۡعَزِيزِ ٱلۡعَلِيمِ ﴿38﴾

Transliteration: Waalshshamsu tajree limustaqarrin laha thalika taqdeeru alAAazeezi alAAaleemi

Translation: N’izuba rigendera aho ryagenewe n’Imana Allah, ntirirenga canke ngo riseruke hataragera. Iyo rero, ni yo nteguro y’Imana Allah Nyenintsinzi-Mutananirwa, Nyenubumenyikurivyose;

36:39

وَٱلۡقَمَرَ قَدَّرۡنَٰهُ مَنَازِلَ حَتَّىٰ عَادَ كَٱلۡعُرۡجُونِ ٱلۡقَدِيمِ ﴿39﴾

Transliteration: Waalqamara qaddarnahu manazila hatta AAada kaalAAurjooni alqadeemi

Translation: N’ukwezi nyene, Twebwe Allah, Twakugeneye ibituro vyakwo buri joro, aho mu mboneko zakwo kuba ari guto, kukagenda kurakura gushika n’aho kwiburungushura mu mfato, hanyuma kugatangura kugabanuka bukebuke mu mpito, gushika n’aho kungana n’agati k’itende kumye, kagahishira kakigonda.

36:40

لَا ٱلشَّمۡسُ يَنۢبَغِي لَهَآ أَن تُدۡرِكَ ٱلۡقَمَرَ وَلَا ٱلَّيۡلُ سَابِقُ ٱلنَّهَارِۚ وَكُلّٞ فِي فَلَكٖ يَسۡبَحُونَ ﴿40﴾

Transliteration: La alshshamsu yanbaghee laha an tudrika alqamara wala allaylu sabiqu alnnahari wakullun fee falakin yasbahoona

Translation: Izuba rero, ntirishobora guta inzira yaryo ngo riseruke mw’ijoro, riheze rizimanganye umuco w’ukwezi; eka n’ijoro nyene, ntirishobora kwijima imbere yuko umurango urengana. Burya rero izuba, ukwezi n’izindi nyenyeri, kimwe cose kirafise inzira-ntasobwa yaco gicamwo.

36:41

وَءَايَةٞ لَّهُمۡ أَنَّا حَمَلۡنَا ذُرِّيَّتَهُمۡ فِي ٱلۡفُلۡكِ ٱلۡمَشۡحُونِ ﴿41﴾

Transliteration: Waayatun lahum anna hamalna thurriyyatahum fee alfulki almashhooni

Translation: Hari n’ikindi cemezo cereka ababangikanyamana ko Imana Allah Ikwiye gusengwa ari Imwe Rudende Itabangikanywa, ni uko Twebwe Allah, Twarokoye mw’isegenya bamwe mu ruvyaro bakomokako rwa Adamu, maze Tubarerura mu bwato bwa Nuhu bwari burimwo amoko atandukanye y’ibiremwa vyose vy’igitsina-gabo n’igitsina-gore, ivyo bikaba ari na vyo vyahavuye biba intango y’ukurondoka bushasha;

36:42

وَخَلَقۡنَا لَهُم مِّن مِّثۡلِهِۦ مَا يَرۡكَبُونَ ﴿42﴾

Transliteration: Wakhalaqna lahum min mithlihi ma yarkaboona

Translation: Twaranaremeye abo babangikanyamana n’abandi, ibindi bibunguruza nk’ubwato bwa Nuhu[7].

36:43

وَإِن نَّشَأۡ نُغۡرِقۡهُمۡ فَلَا صَرِيخَ لَهُمۡ وَلَا هُمۡ يُنقَذُونَ ﴿43﴾

Transliteration: Wain nasha nughriqhum fala sareekha lahum wala hum yunqathoona

Translation: Mu gihe Twoshaka rero, Twobasomesha nturi bari mw’ibahari, nta n’uwobatabara muri ico gihe, eka na bo nyene ntiborokotse;

36:44

إِلَّا رَحۡمَةٗ مِّنَّا وَمَتَٰعًا إِلَىٰ حِينٖ ﴿44﴾

Transliteration: Illa rahmatan minna wamataAAan ila heenin

Translation: Kiretse mu gihe Twobagirira impuhwe Tukabarokora, maze Tukabaha kuryoherwa gato mu buzima bw’isi gushika kw’isango rizwi kugira bikebuke.

36:45

وَإِذَا قِيلَ لَهُمُ ٱتَّقُواْ مَا بَيۡنَ أَيۡدِيكُمۡ وَمَا خَلۡفَكُمۡ لَعَلَّكُمۡ تُرۡحَمُونَ ﴿45﴾

Transliteration: Waitha qeela lahumu ittaqoo ma bayna aydeekum wama khalfakum laAAallakum turhamoona

Translation: Ababangikanyamana iyo babwiwe bati: “Nimwiyubare intureka zo mu buzima bw’inyuma yo gupfa n’ivyago vyo mu buzima bwo kw’isi, kugira mugirirwe impuhwe n’Imana Allah”, baraheza bakavyirengagiza bakigira ba sindabibazwa.

36:46

وَمَا تَأۡتِيهِم مِّنۡ ءَايَةٖ مِّنۡ ءَايَٰتِ رَبِّهِمۡ إِلَّا كَانُواْ عَنۡهَا مُعۡرِضِينَ ﴿46﴾

Transliteration: Wama tateehim min ayatin min ayati rabbihim illa kanoo AAanha muAArideena

Translation: Ababangikanyamana, ntibashikirwa n’icemezo mu vyemezo vy’Imana yabo Rurema Allah, kugira kibarongore mu nzira y’ukuri, kiretse ko bacirengagiza bakirabira hirya, maze kikababera impfagusa.

36:47

وَإِذَا قِيلَ لَهُمۡ أَنفِقُواْ مِمَّا رَزَقَكُمُ ٱللَّهُ قَالَ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ لِلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ أَنُطۡعِمُ مَن لَّوۡ يَشَآءُ ٱللَّهُ أَطۡعَمَهُۥٓ إِنۡ أَنتُمۡ إِلَّا فِي ضَلَٰلٖ مُّبِينٖ ﴿47﴾

Transliteration: Waitha qeela lahum anfiqoo mimma razaqakumu Allahu qala allatheena kafaroo lillatheena amanoo anutAAimu man law yashao Allahu atAAamahu in antum illa fee dalalin mubeenin

Translation: Abagarariji na bo, iyo babwiwe bati: “Nimutange mu matungo, Imana Allah Yabaronkeje”; baca bigovyora babwira abemeramana bati: “Vyoshoboka gute ko dufungurira umuntu, Imana Allah Ishatse Yari kumufungurira! Bemeramana! Mwebwe nta co muri, kiretse ko muri mu muzimagiza uri kure cane y’ukuri”.

36:48

وَيَقُولُونَ مَتَىٰ هَٰذَا ٱلۡوَعۡدُ إِن كُنتُمۡ صَٰدِقِينَ ﴿48﴾

Transliteration: Wayaqooloona mata hatha alwaAAdu in kuntum sadiqeena

Translation: Abagarariji, barinamuye mu guhakana bivuye inyuma izurwa ry’ibiremwa bati: “Muhama! Mbega ubona iryo sango ryo guhanirwako ku musi w’izuka, rizoshika ryari nimwaba wewe n’abemeramana muri kumwe, muri imvugakuri?”.

36:49

مَا يَنظُرُونَ إِلَّا صَيۡحَةٗ وَٰحِدَةٗ تَأۡخُذُهُمۡ وَهُمۡ يَخِصِّمُونَ ﴿49﴾

Transliteration: Ma yanthuroona illa sayhatan wahidatan takhuthuhum wahum yakhissimoona

Translation: Abagarariji bihutira gusaba ibihano, nta n’ikindi barindiriye kugira bahanwe, kiretse ivuzwa ry’inzamba y’umuhero w’isi, uzobashikira giturumbuka ata n’uwo bari biteze, ukabasanga bari mu mpari bahazana mu vy’isi;

36:50

فَلَا يَسۡتَطِيعُونَ تَوۡصِيَةٗ وَلَآ إِلَىٰٓ أَهۡلِهِمۡ يَرۡجِعُونَ ﴿50﴾

Transliteration: Fala yastateeAAoona tawsiyatan wala ila ahlihim yarjiAAoona

Translation: Ico gihe rero, ntibazoshobora no kugira uwo baraga n’ikintu na kimwe, eka ntibazoshobora no kugaruka mu miryango yabo, bazopfira aho bazoba bari;

36:51

وَنُفِخَ فِي ٱلصُّورِ فَإِذَا هُم مِّنَ ٱلۡأَجۡدَاثِ إِلَىٰ رَبِّهِمۡ يَنسِلُونَ ﴿51﴾

Transliteration: Wanufikha fee alssoori faitha hum mina alajdathi ila rabbihim yansiloona

Translation: Inzamba igira kabiri izoheza ivuzwe, ibiremwa bice bisubizwa ubuzima, ubwo nyene bive mu kuzimu, maze bigende binyaragasa ku Mana yavyo Rurema Allah;

36:52

قَالُواْ يَٰوَيۡلَنَا مَنۢ بَعَثَنَا مِن مَّرۡقَدِنَاۜۗ هَٰذَا مَا وَعَدَ ٱلرَّحۡمَٰنُ وَصَدَقَ ٱلۡمُرۡسَلُونَ ﴿52﴾

Transliteration: Qaloo ya waylana man baAAathana min marqadina hatha ma waAAada alrrahmanu wasadaqa almursaloona

Translation: Abahakanye bivuye inyuma izurwa ry’ibiremwa, bace bavuga bicuza bati: “Amagorwa arama yemwe! Ni nde ga ntuze atuzuye akadukura aho twari twibereye!”; ubwo nyene bace bishurwa bati: “Iri, ni rya sango mwasezeranirwa na Nyenimpuhwe Allah, mugashikirizwa n’Intumwa zayo ko ari iry’ukuri”.

36:53

إِن كَانَتۡ إِلَّا صَيۡحَةٗ وَٰحِدَةٗ فَإِذَا هُمۡ جَمِيعٞ لَّدَيۡنَا مُحۡضَرُونَ ﴿53﴾

Transliteration: In kanat illa sayhatan wahidatan faitha hum jameeAAun ladayna muhdaroona

Translation: Izurwa ry’ibiremwa rero, nta n’ico risaba atari ivuzwa ry’inzamba igira kabiri, maze ibiremwa vyose bigaca vyegeranirizwa iwacu Twebwe Allah, kugira biharurirwe biheze bihemberwe ivyo vyakoze.

36:54

فَٱلۡيَوۡمَ لَا تُظۡلَمُ نَفۡسٞ شَيۡـٔٗا وَلَا تُجۡزَوۡنَ إِلَّا مَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ ﴿54﴾

Transliteration: Faalyawma la tuthlamu nafsun shayan wala tujzawna illa ma kuntum taAAmaloona

Translation: Kuri uwo musi w’izuka rero, ibiremwa bizotunganirizwa vy’ukuri, nta muntu azorenganywa n’akantu inzatsa, mu kugabanyirizwa ivyiza canke mu kurengerezwa ku vyaha. Eka ntimuzonahemberwa, kiretse ku vyo mwari mwarakoze kw’isi.

36:55

إِنَّ أَصۡحَٰبَ ٱلۡجَنَّةِ ٱلۡيَوۡمَ فِي شُغُلٖ فَٰكِهُونَ ﴿55﴾

Transliteration: Inna ashaba aljannati alyawma fee shughulin fakihoona

Translation: Mu vy’ukuri, kuri uyo musi abantu bo mu Bwami bw’ijuru, bazoba baryohewe n’inema z’ubwoko bwose, akamwemwe kabasya;

36:56

هُمۡ وَأَزۡوَٰجُهُمۡ فِي ظِلَٰلٍ عَلَى ٱلۡأَرَآئِكِ مُتَّكِـُٔونَ ﴿56﴾

Transliteration: Hum waazwajuhum fee thilalin AAala alaraiki muttakioona

Translation: Bo hamwe n’abakenyezi babo, bicaye ku bitanda vy'iteka bisharije, basharamye mu gatutu katarenga;

36:57

لَهُمۡ فِيهَا فَٰكِهَةٞ وَلَهُم مَّا يَدَّعُونَ ﴿57﴾

Transliteration: Lahum feeha fakihatun walahum ma yaddaAAoona

Translation: Muri nya Bwami, bazoronswa amoko yose y’ivyamwa biryoshe, bazoronswa n’ivyo vyose bipfuza biryoshe;

36:58

سَلَٰمٞ قَوۡلٗا مِّن رَّبّٖ رَّحِيمٖ ﴿58﴾

Transliteration: Salamun qawlan min rabbin raheemin

Translation: Bazoronka n’iyindi nema ihambaye kuruta zose, indamutso y’amahoro bazoramutswa n’Imana yabo Rurema Nyenimbabazi[8].

36:59

وَٱمۡتَٰزُواْ ٱلۡيَوۡمَ أَيُّهَا ٱلۡمُجۡرِمُونَ ﴿59﴾

Transliteration: Waimtazoo alyawma ayyuha almujrimoona

Translation: Abagarariji kuri uyo musi, bazobwirwa bati: “Emwe banyavyaha! Kuri uno musi, nimwitandukanye n’abemeramana, muheze muje ukwanyu”;

36:60

أَلَمۡ أَعۡهَدۡ إِلَيۡكُمۡ يَٰبَنِيٓ ءَادَمَ أَن لَّا تَعۡبُدُواْ ٱلشَّيۡطَٰنَۖ إِنَّهُۥ لَكُمۡ عَدُوّٞ مُّبِينٞ ﴿60﴾

Transliteration: Alam aAAhad ilaykum ya banee adama an la taAAbudoo alshshaytana innahu lakum AAaduwwun mubeenun

Translation: Maze Imana Allah Iheze Ibabwire n’agashinyaguro n’akantu Iti: “Mbega bagarariji muri Bene Adamu! Sinabahaye amabwirizwa yanje Ndayacishije ku Ntumwa Nabarungikiye, ko mutosenga shetani ngo muyumvire, n’uko mu vy’ukuri shetani kuri mwebwe, ari umwansi agaragara;

36:61

وَأَنِ ٱعۡبُدُونِيۚ هَٰذَا صِرَٰطٞ مُّسۡتَقِيمٞ ﴿61﴾

Transliteration: Waani oAAbudoonee hatha siratun mustaqeemun

Translation: Nkababwiriza n’uko munyiyegereza mu vyo mukora vyose mukanansenga mutambangikanya na kimwe mu biremwa, kuko iryo ari ryo dini rigororotse Nzobahembera Ubwami bw’ijuru!

36:62

وَلَقَدۡ أَضَلَّ مِنكُمۡ جِبِلّٗا كَثِيرًاۖ أَفَلَمۡ تَكُونُواْ تَعۡقِلُونَ ﴿62﴾

Transliteration: Walaqad adalla minkum jibillan katheeran afalam takoonoo taAAqiloona

Translation: Ni ukuri, shetani yarahubishije inzira yanje ibiremwa vyinshi muri mwebwe. Mbega babangikanyamana! Ntimwagira akenge ngo mutahure urwanko shetani ibafitiye ngo muheze muyirinde!

36:63

هَٰذِهِۦ جَهَنَّمُ ٱلَّتِي كُنتُمۡ تُوعَدُونَ ﴿63﴾

Transliteration: Hathihi jahannamu allatee kuntum tooAAadoona

Translation: Uwu rero, ni wo muriro wa Jahannamu mwahora musezeranirwa mukiri kw’isi, ko muzowinjira nimwagarariza;

36:64

ٱصۡلَوۡهَا ٱلۡيَوۡمَ بِمَا كُنتُمۡ تَكۡفُرُونَ ﴿64﴾

Transliteration: Islawha alyawma bima kuntum takfuroona

Translation: Nimuwinjire rero kuri uno musi, maze muwote ku kuntu mwagarariza;

36:65

ٱلۡيَوۡمَ نَخۡتِمُ عَلَىٰٓ أَفۡوَٰهِهِمۡ وَتُكَلِّمُنَآ أَيۡدِيهِمۡ وَتَشۡهَدُ أَرۡجُلُهُم بِمَا كَانُواْ يَكۡسِبُونَ ﴿65﴾

Transliteration: Alyawma nakhtimu AAala afwahihim watukallimuna aydeehim watashhadu arjuluhum bima kanoo yaksiboona

Translation: Kuri uno musi rero, Twebwe Allah, Turazivya iminwa y’ababangikanyamana ntibashobore kurikura mu kanwa ngo bavuge, Duheze Tuvugishe amaboko yabo, maze avuge ibibi yakoze, amaguru yabo na yo abagirize ku bibi vyose baja gukora”.

36:66

وَلَوۡ نَشَآءُ لَطَمَسۡنَا عَلَىٰٓ أَعۡيُنِهِمۡ فَٱسۡتَبَقُواْ ٱلصِّرَٰطَ فَأَنَّىٰ يُبۡصِرُونَ ﴿66﴾

Transliteration: Walaw nashao latamasna AAala aAAyunihim faistabaqoo alssirata faanna yubsiroona

Translation: Mu gihe Twoshaka rero, ni ukuri Twobahumya n’amaso nk’uko Twazibije iminwa yabo, bagaheza bakitanganiza kuja kurengana ku kiraro gitambitse hejuru y’umuriro. None vyoshoboka gute kukirenganako, kandi barahumye amaso, batabona n’iyo baja!

36:67

وَلَوۡ نَشَآءُ لَمَسَخۡنَٰهُمۡ عَلَىٰ مَكَانَتِهِمۡ فَمَا ٱسۡتَطَٰعُواْ مُضِيّٗا وَلَا يَرۡجِعُونَ ﴿67﴾

Transliteration: Walaw nashao lamasakhnahum AAala makanatihim fama istataAAoo mudiyyan wala yarjiAAoona

Translation: No mu gihe Twoshaka, ni ukuri Twobahinduye indemo bakaguma aho bari batanyagaza; muri ico gihe, ntiboshoboye gutera intambwe n’imwe imbere canke ngo basubire inyuma.

36:68

وَمَن نُّعَمِّرۡهُ نُنَكِّسۡهُ فِي ٱلۡخَلۡقِۚ أَفَلَا يَعۡقِلُونَ ﴿68﴾

Transliteration: Waman nuAAammirhu nunakkishu fee alkhalqi afala yaAAqiloona

Translation: Uwo Duhaye kuramba bigashika akagera mu za bukuru, Turamutitura mu ndemo agasubira ibwana mu nyifato n’intege nke. Mbega abagarariji ntibogarura akenge ngo batahure ko Imana Allah Ishoboye kugira ivyo vyose, Ishoboye no kubazura!

36:69

وَمَا عَلَّمۡنَٰهُ ٱلشِّعۡرَ وَمَا يَنۢبَغِي لَهُۥٓۚ إِنۡ هُوَ إِلَّا ذِكۡرٞ وَقُرۡءَانٞ مُّبِينٞ ﴿69﴾

Transliteration: Wama AAallamnahu alshshiAAra wama yanbaghee lahu in huwa illa thikrun waquranun mubeenun

Translation: Twebwe Allah, ntitwigeze Twigisha Intumwa Muhamadi kwivuga amazina, eka ntivyari binayikwiye namba ko iba umwivuzi w’amazina. Iki Gitabu yabazaniye, si ikindi kiretse ko ari urwibutso n’inyigisho ku wushaka kwikebuka; kikaba na Qor’ani itomoye neza, mu nsiguro, mu ngingo z’ibirekuwe n’ibizira, ikaba inatomoye neza kandi no mu burongozi bwayo;

36:70

لِّيُنذِرَ مَن كَانَ حَيّٗا وَيَحِقَّ ٱلۡقَوۡلُ عَلَى ٱلۡكَٰفِرِينَ ﴿70﴾

Transliteration: Liyunthira man kana hayyan wayahiqqa alqawlu AAala alkafireena

Translation: Kugira igabishe ku bihano vy’Imana Allah, uwo wese afise umushaha utegera ugakurikira ukuri, maze ibihano vyagire abagarariji inyuma y’aho bashikiwe na Qor’ani, bakayihakana bivuye inyuma.

36:71

أَوَلَمۡ يَرَوۡاْ أَنَّا خَلَقۡنَا لَهُم مِّمَّا عَمِلَتۡ أَيۡدِينَآ أَنۡعَٰمٗا فَهُمۡ لَهَا مَٰلِكُونَ ﴿71﴾

Transliteration: Awalam yaraw anna khalaqna lahum mimma AAamilat aydeena anAAaman fahum laha malikoona

Translation: Mbega abantu ntibabona ko Twebwe Allah, Twabaremeye ibitungwa ku neza yabo, Tubaha kubigaba no kubiganza;

36:72

وَذَلَّلۡنَٰهَا لَهُمۡ فَمِنۡهَا رَكُوبُهُمۡ وَمِنۡهَا يَأۡكُلُونَ ﴿72﴾

Transliteration: Wathallalnaha lahum faminha rakoobuhum waminha yakuloona

Translation: Tubashoboza no kuvyikorako! Muri vyo rero; harimwo ivyo bikorako mu ngendo z’uruja n’uruza, no mu kwunguruza ivyankenerwa, harimwo n’ivyo baheza bagafungura.

36:73

وَلَهُمۡ فِيهَا مَنَٰفِعُ وَمَشَارِبُۚ أَفَلَا يَشۡكُرُونَ ﴿73﴾

Transliteration: Walahum feeha manafiAAu wamasharibu afala yashkuroona

Translation: Baranafise n’ibindi bibafitiye akamaro bikomoka kuri nya bitungwa; nk’ubwoya n’insato, n’ibindi, hamwe rero n’amata banywa. Mbega abantu ntiboshimira Imana Allah ku nema zayo, bagaheza bakayisenga ari Imwe Rudende!

36:74

وَٱتَّخَذُواْ مِن دُونِ ٱللَّهِ ءَالِهَةٗ لَّعَلَّهُمۡ يُنصَرُونَ ﴿74﴾

Transliteration: Waittakhathoo min dooni Allahi alihatan laAAallahum yunsaroona

Translation: Ababangikanyamana bagize mu gishingo c’Imana Allah ibigirwamana, maze barabisenga barondera ko bibatabara bikabakingira ibihano vyayo;

36:75

لَا يَسۡتَطِيعُونَ نَصۡرَهُمۡ وَهُمۡ لَهُمۡ جُندٞ مُّحۡضَرُونَ ﴿75﴾

Transliteration: La yastateeAAoona nasrahum wahum lahum jundun muhdaroona

Translation: Ivyo bigirwamana, ntibishoboye namba gutabara ababisenga, eka na vyo nyene nta co vyimariye. Ababangikanyamana hamwe n’ivyo basenga, bose bazokwegeranirizwa hamwe mu bihano batanako umwikomo.

36:76

فَلَا يَحۡزُنكَ قَوۡلُهُمۡۘ إِنَّا نَعۡلَمُ مَا يُسِرُّونَ وَمَا يُعۡلِنُونَ ﴿76﴾

Transliteration: Fala yahzunka qawluhum inna naAAlamu ma yusirroona wama yuAAlinoona

Translation: Ntumwa y’Imana! Ntugatuntuzwe n’igarariza hamwe n’itebura vyabo; mu vy’ukuri Twebwe Allah, Turazi neza ivyo bakorera mu mpisho n’ivyo bakorera ku mugaragaro, Tuzoheza Tubibahembere.

36:77

أَوَلَمۡ يَرَ ٱلۡإِنسَٰنُ أَنَّا خَلَقۡنَٰهُ مِن نُّطۡفَةٖ فَإِذَا هُوَ خَصِيمٞ مُّبِينٞ ﴿77﴾

Transliteration: Awalam yara alinsanu anna khalaqnahu min nutfatin faitha huwa khaseemun mubeenun

Translation: Mbega umuntu ahakana yivuye inyuma izurwa ry’ibiremwa, ntabona ko Twebwe Allah, Twamuremye mw’ima ry’intanga, amaze gukura aca ahinduka umuharirizi ruhebwa;

36:78

وَضَرَبَ لَنَا مَثَلٗا وَنَسِيَ خَلۡقَهُۥۖ قَالَ مَن يُحۡيِ ٱلۡعِظَٰمَ وَهِيَ رَمِيمٞ ﴿78﴾

Transliteration: Wadaraba lana mathalan wanasiya khalqahu qala man yuhyee alAAithama wahiya rameemun

Translation: Araheza aducira agace kataroranye mu kugereranya ubushobozi bw’Imana Allah Yaremye, n’ubushobozi bw’ico Yaremye, maze yibagira intango y’iremwa ryiwe, arinamura ati: “Ni nde yosubiza ubuzima amagufa kandi yaramaze kubora akavungagurika!”

36:79

قُلۡ يُحۡيِيهَا ٱلَّذِيٓ أَنشَأَهَآ أَوَّلَ مَرَّةٖۖ وَهُوَ بِكُلِّ خَلۡقٍ عَلِيمٌ ﴿79﴾

Transliteration: Qul yuhyeeha allathee anshaaha awwala marratin wahuwa bikulli khalqin AAaleemun

Translation: Ntumwa y’Imana! Vuga umwishure uti: “Iyosubiza ubuzima nya magufa, ni Iyayaremye ubwa mbere, ni na Yo Izi neza iremwa ry’ibiremwa vyose, ni Nyenubumenyikurivyose”;

36:80

ٱلَّذِي جَعَلَ لَكُم مِّنَ ٱلشَّجَرِ ٱلۡأَخۡضَرِ نَارٗا فَإِذَآ أَنتُم مِّنۡهُ تُوقِدُونَ ﴿80﴾

Transliteration: Allathee jaAAala lakum mina alshshajari alakhdari naran faitha antum minhu tooqidoona

Translation: Ni Yo Yabagiriye umuriro mu gutsita igiti kibisi ku kindi, maze mu kanya isase mugacana umuriro muri nya giti[9].

36:81

أَوَلَيۡسَ ٱلَّذِي خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ بِقَٰدِرٍ عَلَىٰٓ أَن يَخۡلُقَ مِثۡلَهُمۚ بَلَىٰ وَهُوَ ٱلۡخَلَّـٰقُ ٱلۡعَلِيمُ ﴿81﴾

Transliteration: Awalaysa allathee khalaqa alssamawati waalarda biqadirin AAala an yakhluqa mithlahum bala wahuwa alkhallaqu alAAaleemu

Translation: Ubwo none, Imana Allah Yaremye amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo, ntishoboye gusubiza ubuzima ibiremwa bikazuka bidora nk’ubwa mbere igihe Ibirema! Yobuzwa n’iki kandi ari Yo Nyenukurema Yaremye ikintu ico ari co cose, Nyenubumenyikurivyose!

36:82

إِنَّمَآ أَمۡرُهُۥٓ إِذَآ أَرَادَ شَيۡـًٔا أَن يَقُولَ لَهُۥ كُن فَيَكُونُ ﴿82﴾

Transliteration: Innama amruhu itha arada shayan an yaqoola lahu kun fayakoonu

Translation: Ni ukuri, iyo Imana Allah Ishatse ikintu ico ari co cose ko kiba, Ikibwira gusa Iti: “Ba” kigaca kiba ubwo nyene.

36:83

فَسُبۡحَٰنَ ٱلَّذِي بِيَدِهِۦ مَلَكُوتُ كُلِّ شَيۡءٖ وَإِلَيۡهِ تُرۡجَعُونَ ﴿83﴾

Transliteration: Fasubhana allathee biyadihi malakootu kulli shayin wailayhi turjaAAoona

Translation: Nihaninahazwe rero Imana Allah, Yo Rugaba Igaba Ikaganza ibintu vyose, ni no kuri Yo muzosubizwa mumaze gupfa, kugira muharurirwe muheze muhemberwe ivyo mwakoze.

Transliteration source: English Transliteration by Tanzil. Used under Tanzil's non-commercial terms; see the source and latest updates at Tanzil. Tanzil translation download