حمٓ ﴿1﴾حمٓ
Transliteration: Hameem
Translation: Haa Miim[1].
حمٓ ﴿1﴾حمٓ
Transliteration: Hameem
Translation: Haa Miim[1].
تَنزِيلُ ٱلۡكِتَٰبِ مِنَ ٱللَّهِ ٱلۡعَزِيزِ ٱلۡحَكِيمِ ﴿2﴾تَنزِيلُ ٱلۡكِتَٰبِ مِنَ ٱللَّهِ ٱلۡعَزِيزِ ٱلۡحَكِيمِ
Transliteration: Tanzeelu alkitabi mina Allahi alAAazeezi alhakeemi
Translation: Ihishurwa ry’iki Gitabu ca Qor’ani ryavuye ku Mana Allah, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.
إِنَّ فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ لَأٓيَٰتٖ لِّلۡمُؤۡمِنِينَ ﴿3﴾إِنَّ فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ لَأٓيَٰتٖ لِّلۡمُؤۡمِنِينَ
Transliteration: Inna fee alssamawati waalardi laayatin lilmumineena
Translation: Mu vy’ukuri mu majuru indwi, no mw’isi izosokorokamwo ibiremwa, ari na yo irimwo ibiremwa bitandukanye mu bwoko no mu ndemo, ni ukuri muri ivyo vyose harimwo ivyemezo vyerekana ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah, ku bavyemera;
وَفِي خَلۡقِكُمۡ وَمَا يَبُثُّ مِن دَآبَّةٍ ءَايَٰتٞ لِّقَوۡمٖ يُوقِنُونَ ﴿4﴾وَفِي خَلۡقِكُمۡ وَمَا يَبُثُّ مِن دَآبَّةٍ ءَايَٰتٞ لِّقَوۡمٖ يُوقِنُونَ
Transliteration: Wafee khalqikum wama yabuththu min dabbatin ayatun liqawmin yooqinoona
Translation: No mw’iremwa ryanyu mwebwe abantu, n’iremwa ry’ibindi biremwa bigendagenda bikwiragiye mw’isi, harimwo ivyemezo vyerekana ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah, ku bantu bayemera bakemera n’amabwirizwa yayo ata gukekeranya;
وَٱخۡتِلَٰفِ ٱلَّيۡلِ وَٱلنَّهَارِ وَمَآ أَنزَلَ ٱللَّهُ مِنَ ٱلسَّمَآءِ مِن رِّزۡقٖ فَأَحۡيَا بِهِ ٱلۡأَرۡضَ بَعۡدَ مَوۡتِهَا وَتَصۡرِيفِ ٱلرِّيَٰحِ ءَايَٰتٞ لِّقَوۡمٖ يَعۡقِلُونَ ﴿5﴾وَٱخۡتِلَٰفِ ٱلَّيۡلِ وَٱلنَّهَارِ وَمَآ أَنزَلَ ٱللَّهُ مِنَ ٱلسَّمَآءِ مِن رِّزۡقٖ فَأَحۡيَا بِهِ ٱلۡأَرۡضَ بَعۡدَ مَوۡتِهَا وَتَصۡرِيفِ ٱلرِّيَٰحِ ءَايَٰتٞ لِّقَوۡمٖ يَعۡقِلُونَ
Transliteration: Waikhtilafi allayli waalnnahari wama anzala Allahu mina alssamai min rizqin faahya bihi alarda baAAda mawtiha watasreefi alrriyahi ayatun liqawmin yaAAqiloona
Translation: No mw’ibisikanya n’ikurakuranwa ry’ijoro n’umurango; mw’igwisha ry’imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, maze Imana Allah Ikanagisha ibiterwa n’ivyimeza kw’isi hakoreshejwe amazi ya nya mvura, inyuma y’igaduka no gucika ubukumbagare kw’isi; mw’isunikwa ry’umuyaga uzanana impande zose z’isi ku neza yanyu, mw’iremwa ry’ivyo vyose rero, ni ukuri harimwo ivyemezo vyotuma abantu bafise ubwenge banyurwa n'ivyemezo vy’Imana Allah, maze bakayigamburukira.
تِلۡكَ ءَايَٰتُ ٱللَّهِ نَتۡلُوهَا عَلَيۡكَ بِٱلۡحَقِّۖ فَبِأَيِّ حَدِيثِۭ بَعۡدَ ٱللَّهِ وَءَايَٰتِهِۦ يُؤۡمِنُونَ ﴿6﴾تِلۡكَ ءَايَٰتُ ٱللَّهِ نَتۡلُوهَا عَلَيۡكَ بِٱلۡحَقِّۖ فَبِأَيِّ حَدِيثِۭ بَعۡدَ ٱللَّهِ وَءَايَٰتِهِۦ يُؤۡمِنُونَ
Transliteration: Tilka ayatu Allahi natlooha AAalayka bialhaqqi fabiayyi hadeethin baAAda Allahi waayatihi yuminoona
Translation: Ntumwa y’Imana! Izo rero, ni Aayah n’ivyemezo vy’Imana Allah Tugusomera vy’ukuri. Mbega none, inyuma ya Aayah n’ivyemezo vy’Imana Allah vyemeza ko ari Yo Mana Ikwiye gusengwa vy’ukuri Itabangikanijwe, ni inkuru nyabaki bokwemera!
وَيۡلٞ لِّكُلِّ أَفَّاكٍ أَثِيمٖ ﴿7﴾وَيۡلٞ لِّكُلِّ أَفَّاكٍ أَثِيمٖ
Transliteration: Waylun likulli affakin atheemin
Translation: Uguhanwa nya guhanwa, ni ukw’umubeshi ruhebwa wese, umunyavyaha;
يَسۡمَعُ ءَايَٰتِ ٱللَّهِ تُتۡلَىٰ عَلَيۡهِ ثُمَّ يُصِرُّ مُسۡتَكۡبِرٗا كَأَن لَّمۡ يَسۡمَعۡهَاۖ فَبَشِّرۡهُ بِعَذَابٍ أَلِيمٖ ﴿8﴾يَسۡمَعُ ءَايَٰتِ ٱللَّهِ تُتۡلَىٰ عَلَيۡهِ ثُمَّ يُصِرُّ مُسۡتَكۡبِرٗا كَأَن لَّمۡ يَسۡمَعۡهَاۖ فَبَشِّرۡهُ بِعَذَابٍ أَلِيمٖ
Transliteration: YasmaAAu ayati Allahi tutla AAalayhi thumma yusirru mustakbiran kaan lam yasmaAAha fabashshirhu biAAathabin aleemin
Translation: Yumva Aayah z’Igitabu c’Imana Allah ca Qor’ani zisomwa, hanyuma akarendegera mu bugarariji, akagira n’amanyama n’akantu mu kutemera Imana Allah n’Intumwa yayo, nk’aho yoba atigeze yumva nya Aayah zisomwa. Ntumwa y’Imana! Mushikirize inkuru y’incamugongo yo guhabwa ibihano bibabaza ku musi w’izuka;
وَإِذَا عَلِمَ مِنۡ ءَايَٰتِنَا شَيۡـًٔا ٱتَّخَذَهَا هُزُوًاۚ أُوْلَـٰٓئِكَ لَهُمۡ عَذَابٞ مُّهِينٞ ﴿9﴾وَإِذَا عَلِمَ مِنۡ ءَايَٰتِنَا شَيۡـًٔا ٱتَّخَذَهَا هُزُوًاۚ أُوْلَـٰٓئِكَ لَهُمۡ عَذَابٞ مُّهِينٞ
Transliteration: Waitha AAalima min ayatina shayan ittakhathaha huzuwan olaika lahum AAathabun muheenun
Translation: N’iyo hagize ico amenya muri Aayah zacu, agifata minenegwe atebura. Uyo rero, ari mu bagenewe ibihano bisuzuguza ku musi w’izuka;
مِّن وَرَآئِهِمۡ جَهَنَّمُۖ وَلَا يُغۡنِي عَنۡهُم مَّا كَسَبُواْ شَيۡـٔٗا وَلَا مَا ٱتَّخَذُواْ مِن دُونِ ٱللَّهِ أَوۡلِيَآءَۖ وَلَهُمۡ عَذَابٌ عَظِيمٌ ﴿10﴾مِّن وَرَآئِهِمۡ جَهَنَّمُۖ وَلَا يُغۡنِي عَنۡهُم مَّا كَسَبُواْ شَيۡـٔٗا وَلَا مَا ٱتَّخَذُواْ مِن دُونِ ٱللَّهِ أَوۡلِيَآءَۖ وَلَهُمۡ عَذَابٌ عَظِيمٌ
Transliteration: Min waraihim jahannamu wala yughnee AAanhum ma kasaboo shayan wala ma ittakhathoo min dooni Allahi awliyaa walahum AAathabun AAatheemun
Translation: Imbere yabo, hari umuriro wa Jahannamu ubarindiriye. Muri ico gihe rero, n’ivyo begeranije mu matungo n’abana nta na kimwe bizobamarira. Eka mbere n’ivyo bagize abahagarikizi bakabisenga mu gishingo c’Imana Allah, nta co bizobamarira. Bazoba bari no mu bihano bihambaye.
هَٰذَا هُدٗىۖ وَٱلَّذِينَ كَفَرُواْ بِـَٔايَٰتِ رَبِّهِمۡ لَهُمۡ عَذَابٞ مِّن رِّجۡزٍ أَلِيمٌ ﴿11﴾هَٰذَا هُدٗىۖ وَٱلَّذِينَ كَفَرُواْ بِـَٔايَٰتِ رَبِّهِمۡ لَهُمۡ عَذَابٞ مِّن رِّجۡزٍ أَلِيمٌ
Transliteration: Hatha hudan waallatheena kafaroo biayati rabbihim lahum AAathabun min rijzin aleemin
Translation: Iyi Qor’ani Twamanuye, ni uburongozi bukura abantu mu muzimagiza, ikaba n’icemezo c’ukuri kibashikana mu nzira igororotse. Nayo abagararije bagahakana Aayah n’ivyemezo vy’Imana yabo Rurema Allah, ku musi w’izuka, barategekanirijwe ibihano bibi cane kandi bibabaza;
ٱللَّهُ ٱلَّذِي سَخَّرَ لَكُمُ ٱلۡبَحۡرَ لِتَجۡرِيَ ٱلۡفُلۡكُ فِيهِ بِأَمۡرِهِۦ وَلِتَبۡتَغُواْ مِن فَضۡلِهِۦ وَلَعَلَّكُمۡ تَشۡكُرُونَ ﴿12﴾۞ٱللَّهُ ٱلَّذِي سَخَّرَ لَكُمُ ٱلۡبَحۡرَ لِتَجۡرِيَ ٱلۡفُلۡكُ فِيهِ بِأَمۡرِهِۦ وَلِتَبۡتَغُواْ مِن فَضۡلِهِۦ وَلَعَلَّكُمۡ تَشۡكُرُونَ
Transliteration: Allahu allathee sakhkhara lakumu albahra litajriya alfulku feehi biamrihi walitabtaghoo min fadlihi walaAAallakum tashkuroona
Translation: Allah, ni Yo Mana Yabagiriye ibahari, kugira ricemwo ubwato bungana umusozi kw’itegeko ryayo; no kugira murondere mu mpano zayo mu ruja n’uruza mu rudandazwa; no kugira rero muyishimire, muheze muyiyegereze muri vyose munayisenge ari Imwe Rudende mutayibangikanya;
وَسَخَّرَ لَكُم مَّا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَا فِي ٱلۡأَرۡضِ جَمِيعٗا مِّنۡهُۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٖ لِّقَوۡمٖ يَتَفَكَّرُونَ ﴿13﴾وَسَخَّرَ لَكُم مَّا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَا فِي ٱلۡأَرۡضِ جَمِيعٗا مِّنۡهُۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٖ لِّقَوۡمٖ يَتَفَكَّرُونَ
Transliteration: Wasakhkhara lakum ma fee alssamawati wama fee alardi jameeAAan minhu inna fee thalika laayatin liqawmin yatafakkaroona
Translation: Yaranaborohereje kwikora ku biri mu majuru; nk’izuba, ukwezi n’inyenyeri, n’ibindi, no ku biri kw’isi; nk’ibitungwa, ibiti, n’ubwato, n’ibindi; ivyo vyose bikaba ari impano mwahawe n’Imana Allah, kugira muyisenge ari Imwe Rudende mutayibangikanya. Muri ivyo vyose rero, ni ukuri harimwo ivyemezo bigaragara vyotuma abantu biyumvira, bikebuka bakamenya ko hariho Imana Imwe Rudende.
قُل لِّلَّذِينَ ءَامَنُواْ يَغۡفِرُواْ لِلَّذِينَ لَا يَرۡجُونَ أَيَّامَ ٱللَّهِ لِيَجۡزِيَ قَوۡمَۢا بِمَا كَانُواْ يَكۡسِبُونَ ﴿14﴾قُل لِّلَّذِينَ ءَامَنُواْ يَغۡفِرُواْ لِلَّذِينَ لَا يَرۡجُونَ أَيَّامَ ٱللَّهِ لِيَجۡزِيَ قَوۡمَۢا بِمَا كَانُواْ يَكۡسِبُونَ
Transliteration: Qul lillatheena amanoo yaghfiroo lillatheena la yarjoona ayyama Allahi liyajziya qawman bima kanoo yaksiboona
Translation: Ntumwa y’Imana! Bwira abemeye Imana Allah bagakurikira n’Intumwa yayo, bababarire ababagiriye nabi mu babangikanyamana batizeye indishi ku Mana Allah, batanatinya n’ibihano vyayo, kugira Imana Allah Izobahanire ivyaha vy'ivyo bari bararondeye kw’isi;
مَنۡ عَمِلَ صَٰلِحٗا فَلِنَفۡسِهِۦۖ وَمَنۡ أَسَآءَ فَعَلَيۡهَاۖ ثُمَّ إِلَىٰ رَبِّكُمۡ تُرۡجَعُونَ ﴿15﴾مَنۡ عَمِلَ صَٰلِحٗا فَلِنَفۡسِهِۦۖ وَمَنۡ أَسَآءَ فَعَلَيۡهَاۖ ثُمَّ إِلَىٰ رَبِّكُمۡ تُرۡجَعُونَ
Transliteration: Man AAamila salihan falinafsihi waman asaa faAAalayha thumma ila rabbikum turjaAAoona
Translation: Uwukoze iciza rero, azogihemberwa ku neza yiwe. Uwukoze ikibi, na we nyene azogihanirwa ku gatwe kiwe. Hanyuma ga bantu! Impera n’imperuka muzosubizwa ku Mana yanyu Rurema Allah, maze Ihembere umwumwe wese ivyo yakoze.
وَلَقَدۡ ءَاتَيۡنَا بَنِيٓ إِسۡرَـٰٓءِيلَ ٱلۡكِتَٰبَ وَٱلۡحُكۡمَ وَٱلنُّبُوَّةَ وَرَزَقۡنَٰهُم مِّنَ ٱلطَّيِّبَٰتِ وَفَضَّلۡنَٰهُمۡ عَلَى ٱلۡعَٰلَمِينَ ﴿16﴾وَلَقَدۡ ءَاتَيۡنَا بَنِيٓ إِسۡرَـٰٓءِيلَ ٱلۡكِتَٰبَ وَٱلۡحُكۡمَ وَٱلنُّبُوَّةَ وَرَزَقۡنَٰهُم مِّنَ ٱلطَّيِّبَٰتِ وَفَضَّلۡنَٰهُمۡ عَلَى ٱلۡعَٰلَمِينَ
Transliteration: Walaqad atayna banee israeela alkitaba waalhukma waalnnubuwwata warazaqnahum mina alttayyibati wafaddalnahum AAala alAAalameena
Translation: Ni ukuri, Twarahaye Bene Israyeli Igitabu ca Tawurati n’Injili; Tubaha no kwubahiriza ingingo z’ibiri muri ivyo Bitabu; Tugira n’Abavugishwamana benshi muri bo, mu ruvyaro rwa Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), Tubaronsa n’ibibabeshaho vyiza birekuwe, Tubatera n’iteka kurusha abandi bo mu gihe cabo;
وَءَاتَيۡنَٰهُم بَيِّنَٰتٖ مِّنَ ٱلۡأَمۡرِۖ فَمَا ٱخۡتَلَفُوٓاْ إِلَّا مِنۢ بَعۡدِ مَا جَآءَهُمُ ٱلۡعِلۡمُ بَغۡيَۢا بَيۡنَهُمۡۚ إِنَّ رَبَّكَ يَقۡضِي بَيۡنَهُمۡ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ فِيمَا كَانُواْ فِيهِ يَخۡتَلِفُونَ ﴿17﴾وَءَاتَيۡنَٰهُم بَيِّنَٰتٖ مِّنَ ٱلۡأَمۡرِۖ فَمَا ٱخۡتَلَفُوٓاْ إِلَّا مِنۢ بَعۡدِ مَا جَآءَهُمُ ٱلۡعِلۡمُ بَغۡيَۢا بَيۡنَهُمۡۚ إِنَّ رَبَّكَ يَقۡضِي بَيۡنَهُمۡ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ فِيمَا كَانُواْ فِيهِ يَخۡتَلِفُونَ
Transliteration: Waataynahum bayyinatin mina alamri fama ikhtalafoo illa min baAAdi ma jaahumu alAAilmu baghyan baynahum inna rabbaka yaqdee baynahum yawma alqiyamati feema kanoo feehi yakhtalifoona
Translation: Tubaha n’ingingo zitomoye mu mabwirizwa y’ibirekuwe n’ibibujijwe, hamwe rero n’ivyemezo bitandukanya ukuri n’ikinyoma; ntibanahazanye ngo bicemwo imigwi, kiretse inyuma y’aho bashikiriwe n’ubumenyi, bitewe no kurenganyana hagati yabo mu ntumbero yo kurondera icubahiro canke ubutegetsi. Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ku musi w’izuka, Izobacira urutunganye ku vyo bahora bahazanako kw’isi[2];
ثُمَّ جَعَلۡنَٰكَ عَلَىٰ شَرِيعَةٖ مِّنَ ٱلۡأَمۡرِ فَٱتَّبِعۡهَا وَلَا تَتَّبِعۡ أَهۡوَآءَ ٱلَّذِينَ لَا يَعۡلَمُونَ ﴿18﴾ثُمَّ جَعَلۡنَٰكَ عَلَىٰ شَرِيعَةٖ مِّنَ ٱلۡأَمۡرِ فَٱتَّبِعۡهَا وَلَا تَتَّبِعۡ أَهۡوَآءَ ٱلَّذِينَ لَا يَعۡلَمُونَ
Transliteration: Thumma jaAAalnaka AAala shareeAAatin mina alamri faittabiAAha wala tattabiAA ahwaa allatheena la yaAAlamoona
Translation: Ntumwa y’Imana! Mu nyuma rero, ni ho Twagushingira ingingo z’amabwirizwa y’idini atomoye. Kurikira rero izo ngingo maze uzubahirize. Ntugakurikire ivyipfuzo vy’abadatahura nya ngingo, ata n’ukuri bazi[3].
إِنَّهُمۡ لَن يُغۡنُواْ عَنكَ مِنَ ٱللَّهِ شَيۡـٔٗاۚ وَإِنَّ ٱلظَّـٰلِمِينَ بَعۡضُهُمۡ أَوۡلِيَآءُ بَعۡضٖۖ وَٱللَّهُ وَلِيُّ ٱلۡمُتَّقِينَ ﴿19﴾إِنَّهُمۡ لَن يُغۡنُواْ عَنكَ مِنَ ٱللَّهِ شَيۡـٔٗاۚ وَإِنَّ ٱلظَّـٰلِمِينَ بَعۡضُهُمۡ أَوۡلِيَآءُ بَعۡضٖۖ وَٱللَّهُ وَلِيُّ ٱلۡمُتَّقِينَ
Transliteration: Innahum lan yughnoo AAanka mina Allahi shayan wainna alththalimeena baAAduhum awliyao baAAdin waAllahu waliyyu almuttaqeena
Translation: Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri mu gihe wokurikira ivyipfuzo vyabo, nta na kimwe bokumarira ngo bagukure mu bihano vy’Imana Allah. Mu vy’ukuri, abirenganije mu kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah, baratabarana bakagira n’urunani mu kurwanya abemeramana. Burya Imana Allah, ni Yo Muhagarikizi Atabara abagamburukiramana bubahiriza amabwirizwa yayo.
هَٰذَا بَصَـٰٓئِرُ لِلنَّاسِ وَهُدٗى وَرَحۡمَةٞ لِّقَوۡمٖ يُوقِنُونَ ﴿20﴾هَٰذَا بَصَـٰٓئِرُ لِلنَّاسِ وَهُدٗى وَرَحۡمَةٞ لِّقَوۡمٖ يُوقِنُونَ
Transliteration: Hatha basairu lilnnasi wahudan warahmatun liqawmin yooqinoona
Translation: Ntumwa y’Imana! Iyi Qor’ani Twakumanuriye, irereka abantu itandukaniro riri gahati y’ukuri n’ikinyoma, ikaba n’uburongozi n’impuhwe ku bantu bemera ata gukekeranya, ko yoyo ari ukuri kuva ku Mana Allah.
أَمۡ حَسِبَ ٱلَّذِينَ ٱجۡتَرَحُواْ ٱلسَّيِّـَٔاتِ أَن نَّجۡعَلَهُمۡ كَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّـٰلِحَٰتِ سَوَآءٗ مَّحۡيَاهُمۡ وَمَمَاتُهُمۡۚ سَآءَ مَا يَحۡكُمُونَ ﴿21﴾أَمۡ حَسِبَ ٱلَّذِينَ ٱجۡتَرَحُواْ ٱلسَّيِّـَٔاتِ أَن نَّجۡعَلَهُمۡ كَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّـٰلِحَٰتِ سَوَآءٗ مَّحۡيَاهُمۡ وَمَمَاتُهُمۡۚ سَآءَ مَا يَحۡكُمُونَ
Transliteration: Am hasiba allatheena ijtarahoo alssayyiati an najAAalahum kaallatheena amanoo waAAamiloo alssalihati sawaan mahyahum wamamatuhum saa ma yahkumoona
Translation: Ahubwo rero, abubahuka gucumura izuba riva, bakanahakana bivuye inyuma Intumwa z’Imana, bagaca kubiri n’amabwirizwa y’Imana Allah bakanayibangikanya, bibaza ko mu buzima bwabo bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa, Twobafata co kimwe n’abemeye Imana Allah n’Intumwa zayo, bakanakora n’ivyiza bitegetswe, bakanayisenga beza n’ivyo bakora vyose ku bwayo! Ingingo yabo yo kwiyumvira ko abanyavyaha n’aberanda bofatwa kumwe, ni mbi cane.
وَخَلَقَ ٱللَّهُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ بِٱلۡحَقِّ وَلِتُجۡزَىٰ كُلُّ نَفۡسِۭ بِمَا كَسَبَتۡ وَهُمۡ لَا يُظۡلَمُونَ ﴿22﴾وَخَلَقَ ٱللَّهُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ بِٱلۡحَقِّ وَلِتُجۡزَىٰ كُلُّ نَفۡسِۭ بِمَا كَسَبَتۡ وَهُمۡ لَا يُظۡلَمُونَ
Transliteration: Wakhalaqa Allahu alssamawati waalarda bialhaqqi walitujza kullu nafsin bima kasabat wahum la yuthlamoona
Translation: Imana Allah, Yaremye amajuru n’isi vy’ukuri mu ntumbero yo kubatunganiriza; no kugira umwumwe wese mu bantu azohemberwe ivyo yakoze ku musi w’izuka, kandi ntibazorenganywa namba.
أَفَرَءَيۡتَ مَنِ ٱتَّخَذَ إِلَٰهَهُۥ هَوَىٰهُ وَأَضَلَّهُ ٱللَّهُ عَلَىٰ عِلۡمٖ وَخَتَمَ عَلَىٰ سَمۡعِهِۦ وَقَلۡبِهِۦ وَجَعَلَ عَلَىٰ بَصَرِهِۦ غِشَٰوَةٗ فَمَن يَهۡدِيهِ مِنۢ بَعۡدِ ٱللَّهِۚ أَفَلَا تَذَكَّرُونَ ﴿23﴾أَفَرَءَيۡتَ مَنِ ٱتَّخَذَ إِلَٰهَهُۥ هَوَىٰهُ وَأَضَلَّهُ ٱللَّهُ عَلَىٰ عِلۡمٖ وَخَتَمَ عَلَىٰ سَمۡعِهِۦ وَقَلۡبِهِۦ وَجَعَلَ عَلَىٰ بَصَرِهِۦ غِشَٰوَةٗ فَمَن يَهۡدِيهِ مِنۢ بَعۡدِ ٱللَّهِۚ أَفَلَا تَذَكَّرُونَ
Transliteration: Afaraayta mani ittakhatha ilahahu hawahu waadallahu Allahu AAala AAilmin wakhatama AAala samAAihi waqalbihi wajaAAala AAala basarihi ghishawatan faman yahdeehi min baAAdi Allahi afala tathakkaroona
Translation: Ntumwa y’Imana! Mbega warabonye uwigiriye ivyipfuzo vyiwe kuba ari yo mana yiwe, Imana Allah Iraheza Iramuhubisha kandi yaramaze gushikirwa n’ubumenyi n’ivyemezo; Itera n’ikimangu ku mutima wiwe ntihagira na kimwe atahura ngo yikebuke; Ishira no ku maso yiwe ipaziya, ntiyaba akibona ivyemezo vyayo! Ni nde wundi none yomushoboza kuba umugororotsi, inyuma y’aho Imana Allah Imurekeye agahuba ku bugaba bwiwe! Bantu! Ubwo ntimwokwibuka mukamenya ko uwo Imana Allah Iretse agahuba ku bugaba bwiwe, ata wushobora kumurongora mu nzira yayo[4]!
وَقَالُواْ مَا هِيَ إِلَّا حَيَاتُنَا ٱلدُّنۡيَا نَمُوتُ وَنَحۡيَا وَمَا يُهۡلِكُنَآ إِلَّا ٱلدَّهۡرُۚ وَمَا لَهُم بِذَٰلِكَ مِنۡ عِلۡمٍۖ إِنۡ هُمۡ إِلَّا يَظُنُّونَ ﴿24﴾وَقَالُواْ مَا هِيَ إِلَّا حَيَاتُنَا ٱلدُّنۡيَا نَمُوتُ وَنَحۡيَا وَمَا يُهۡلِكُنَآ إِلَّا ٱلدَّهۡرُۚ وَمَا لَهُم بِذَٰلِكَ مِنۡ عِلۡمٍۖ إِنۡ هُمۡ إِلَّا يَظُنُّونَ
Transliteration: Waqaloo ma hiya illa hayatuna alddunya namootu wanahya wama yuhlikuna illa alddahru wama lahum bithalika min AAilmin in hum illa yathunnoona
Translation: Ababangikanyamana bavuze bahakana bivuye inyuma izurwa ry’ibiremwa bati: “Ubuzima, si ikindi kiretse ko ari ubu buzima nyene tubayeho kw’isi, nta bundi buzima bubaho inyuma yo gupfa; nta n’ikindi gituma dupfa tugahona, kiretse ibihe bidutitura tugapfa, si Imana Allah”. Abo babangikanyamana rero, nta bumenyi bafise ku vyerekeye ubuzima no gupfa hamwe n’izurwa ry’ibiremwa, bapfa kuvuga gusa ivyo bibwiye;
وَإِذَا تُتۡلَىٰ عَلَيۡهِمۡ ءَايَٰتُنَا بَيِّنَٰتٖ مَّا كَانَ حُجَّتَهُمۡ إِلَّآ أَن قَالُواْ ٱئۡتُواْ بِـَٔابَآئِنَآ إِن كُنتُمۡ صَٰدِقِينَ ﴿25﴾وَإِذَا تُتۡلَىٰ عَلَيۡهِمۡ ءَايَٰتُنَا بَيِّنَٰتٖ مَّا كَانَ حُجَّتَهُمۡ إِلَّآ أَن قَالُواْ ٱئۡتُواْ بِـَٔابَآئِنَآ إِن كُنتُمۡ صَٰدِقِينَ
Transliteration: Waitha tutla AAalayhim ayatuna bayyinatin ma kana hujjatahum illa an qaloo itoo biabaina in kuntum sadiqeena
Translation: N’iyo basomewe Aayah zacu zitomoye, nta cemezo baronka bisunga, kiretse ukuvuga bati: “Ewe Muhamadi! Wewe n’abemeramana muri kumwe, enda nyabuna rero, nimugarure kw’isi ba data bapfuye kera, nimwaba koko muri imvugakuri, ko abantu bazosubizwa ubuzima bakazuka!”.
قُلِ ٱللَّهُ يُحۡيِيكُمۡ ثُمَّ يُمِيتُكُمۡ ثُمَّ يَجۡمَعُكُمۡ إِلَىٰ يَوۡمِ ٱلۡقِيَٰمَةِ لَا رَيۡبَ فِيهِ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَ ٱلنَّاسِ لَا يَعۡلَمُونَ ﴿26﴾قُلِ ٱللَّهُ يُحۡيِيكُمۡ ثُمَّ يُمِيتُكُمۡ ثُمَّ يَجۡمَعُكُمۡ إِلَىٰ يَوۡمِ ٱلۡقِيَٰمَةِ لَا رَيۡبَ فِيهِ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَ ٱلنَّاسِ لَا يَعۡلَمُونَ
Transliteration: Quli Allahu yuhyeekum thumma yumeetukum thumma yajmaAAukum ila yawmi alqiyamati la rayba feehi walakinna akthara alnnasi la yaAAlamoona
Translation: Ntumwa y’Imana! Bwira abahakana bivuye inyuma izurwa ry’ibiremwa, uti: “Imana Allah, Ibaha ubuzima mukaba kw’isi ikiringo Ishatse; hanyuma Ikabaka nya buzima mugapfa ikiringo co kubaho kwanyu giheze; mu nyuma rero, Izobasubiza ubuzima muzuke, maze Ibegeranirize hamwe mwese ku musi w’izuka ata makenga ko uzoshika. Ariko rero abenshi mu bantu, ntibazi ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah mu gutuma abantu bapfa, no mu kubasubiza ubuzima bakazozuka ku musi w’izuka”.
وَلِلَّهِ مُلۡكُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۚ وَيَوۡمَ تَقُومُ ٱلسَّاعَةُ يَوۡمَئِذٖ يَخۡسَرُ ٱلۡمُبۡطِلُونَ ﴿27﴾وَلِلَّهِ مُلۡكُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۚ وَيَوۡمَ تَقُومُ ٱلسَّاعَةُ يَوۡمَئِذٖ يَخۡسَرُ ٱلۡمُبۡطِلُونَ
Transliteration: Walillahi mulku alssamawati waalardi wayawma taqoomu alssaAAatu yawmaithin yakhsaru almubtiloona
Translation: Imana Allah, ni Yo Nyenubwami Igaba Ikaganza amajuru indwi n’isi n’ibiri muri vyo. Umusi umuhero w’isi wageze rero, ibiremwa vyose bigahwera, hanyuma bikazuka kugira bihemberwe ivyo vyakoze, kuri uwo musi abahakana Aayah n’ivyemezo vy’Imana Allah, bazogira agahombo gakomeye;
وَتَرَىٰ كُلَّ أُمَّةٖ جَاثِيَةٗۚ كُلُّ أُمَّةٖ تُدۡعَىٰٓ إِلَىٰ كِتَٰبِهَا ٱلۡيَوۡمَ تُجۡزَوۡنَ مَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ ﴿28﴾وَتَرَىٰ كُلَّ أُمَّةٖ جَاثِيَةٗۚ كُلُّ أُمَّةٖ تُدۡعَىٰٓ إِلَىٰ كِتَٰبِهَا ٱلۡيَوۡمَ تُجۡزَوۡنَ مَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ
Transliteration: Watara kulla ommatin jathiyatan kullu ommatin tudAAa ila kitabiha alyawma tujzawna ma kuntum taAAmaloona
Translation: Ntumwa y'Imana! Kuri uyo musi, uzobona umugwi umwumwe w’abantu basenga mw’idini rimwe upfukamye watekewe n’ubwoba n’akantu, maze umugwi wose uhamagarirwe kwumviriza ibiri mu gitabu cawo, maze ubwirwe uti: “Uno musi rero, muhemberwa ivyo mwari mwarakoze kw’isi”.
هَٰذَا كِتَٰبُنَا يَنطِقُ عَلَيۡكُم بِٱلۡحَقِّۚ إِنَّا كُنَّا نَسۡتَنسِخُ مَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ ﴿29﴾هَٰذَا كِتَٰبُنَا يَنطِقُ عَلَيۡكُم بِٱلۡحَقِّۚ إِنَّا كُنَّا نَسۡتَنسِخُ مَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ
Transliteration: Hatha kitabuna yantiqu AAalaykum bialhaqqi inna kunna nastansikhu ma kuntum taAAmaloona
Translation: Iki, ni igitabu cacu kibabwira vy’ukuri ido n’ido ku vyo mwakoze ata kirenzeko ata n’ikibuzeko. Mu vy’ukuri, Twahora Dutegeka abamalayika babungabunga ivyo mukora, kwandika ibikorwa vyanyu.
فَأَمَّا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّـٰلِحَٰتِ فَيُدۡخِلُهُمۡ رَبُّهُمۡ فِي رَحۡمَتِهِۦۚ ذَٰلِكَ هُوَ ٱلۡفَوۡزُ ٱلۡمُبِينُ ﴿30﴾فَأَمَّا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّـٰلِحَٰتِ فَيُدۡخِلُهُمۡ رَبُّهُمۡ فِي رَحۡمَتِهِۦۚ ذَٰلِكَ هُوَ ٱلۡفَوۡزُ ٱلۡمُبِينُ
Transliteration: Faamma allatheena amanoo waAAamiloo alssalihati fayudkhiluhum rabbuhum fee rahmatihi thalika huwa alfawzu almubeenu
Translation: Abemeye rero Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, Imana yabo Rurema Allah, Izoheza Ibinjize ku mpuhwe zayo mu Bwami bw’ijuru. Iyo rero, ni yo ntsinzi igaragara.
وَأَمَّا ٱلَّذِينَ كَفَرُوٓاْ أَفَلَمۡ تَكُنۡ ءَايَٰتِي تُتۡلَىٰ عَلَيۡكُمۡ فَٱسۡتَكۡبَرۡتُمۡ وَكُنتُمۡ قَوۡمٗا مُّجۡرِمِينَ ﴿31﴾وَأَمَّا ٱلَّذِينَ كَفَرُوٓاْ أَفَلَمۡ تَكُنۡ ءَايَٰتِي تُتۡلَىٰ عَلَيۡكُمۡ فَٱسۡتَكۡبَرۡتُمۡ وَكُنتُمۡ قَوۡمٗا مُّجۡرِمِينَ
Transliteration: Waamma allatheena kafaroo afalam takun ayatee tutla AAalaykum faistakbartum wakuntum qawman mujrimeena
Translation: Nayo abagararije Imana Allah bakanahakana bivuye inyuma Intumwa zayo, bazobwirwa bati: “Mbega ntimwasomewe Aayah zanje mukiri kw’isi, mukagira amanyama mu kutazemera, mukaba mwari n’abantu b’abanyavyaha!
وَإِذَا قِيلَ إِنَّ وَعۡدَ ٱللَّهِ حَقّٞ وَٱلسَّاعَةُ لَا رَيۡبَ فِيهَا قُلۡتُم مَّا نَدۡرِي مَا ٱلسَّاعَةُ إِن نَّظُنُّ إِلَّا ظَنّٗا وَمَا نَحۡنُ بِمُسۡتَيۡقِنِينَ ﴿32﴾وَإِذَا قِيلَ إِنَّ وَعۡدَ ٱللَّهِ حَقّٞ وَٱلسَّاعَةُ لَا رَيۡبَ فِيهَا قُلۡتُم مَّا نَدۡرِي مَا ٱلسَّاعَةُ إِن نَّظُنُّ إِلَّا ظَنّٗا وَمَا نَحۡنُ بِمُسۡتَيۡقِنِينَ
Transliteration: Waitha qeela inna waAAda Allahi haqqun waalssaAAatu la rayba feeha qultum ma nadree ma alssaAAatu in nathunnu illa thannan wama nahnu bimustayqineena
Translation: Mubwiwe ko mu vy’ukuri isezerano ry’Imana Allah ryo kuzura ibiremwa, ari iry’ukuri; n’uko umuhero w’isi ata makenga ko uriho”, mwaca mwishura muti: “Ntituzi ico ari co umuhero w’isi! Ntituniteze umuzo wawo, kiretse ku gukekeranya gusa, eka mbere ntitunemera ko nya muhero ubaho”.
وَبَدَا لَهُمۡ سَيِّـَٔاتُ مَا عَمِلُواْ وَحَاقَ بِهِم مَّا كَانُواْ بِهِۦ يَسۡتَهۡزِءُونَ ﴿33﴾وَبَدَا لَهُمۡ سَيِّـَٔاتُ مَا عَمِلُواْ وَحَاقَ بِهِم مَّا كَانُواْ بِهِۦ يَسۡتَهۡزِءُونَ
Transliteration: Wabada lahum sayyiatu ma AAamiloo wahaqa bihim ma kanoo bihi yastahzioona
Translation: Kuri uwo musi w’iharurirwa ry’ibiremwa rero, abagararije Aayah n’ivyemezo vy’Imana Allah, bazobona indishi y’ibibi bakoze, bazokwugarizwa n’ibihano bibabaza ku vyo bahora bateburako;
وَقِيلَ ٱلۡيَوۡمَ نَنسَىٰكُمۡ كَمَا نَسِيتُمۡ لِقَآءَ يَوۡمِكُمۡ هَٰذَا وَمَأۡوَىٰكُمُ ٱلنَّارُ وَمَا لَكُم مِّن نَّـٰصِرِينَ ﴿34﴾وَقِيلَ ٱلۡيَوۡمَ نَنسَىٰكُمۡ كَمَا نَسِيتُمۡ لِقَآءَ يَوۡمِكُمۡ هَٰذَا وَمَأۡوَىٰكُمُ ٱلنَّارُ وَمَا لَكُم مِّن نَّـٰصِرِينَ
Transliteration: Waqeela alyawma nansakum kama naseetum liqaa yawmikum hatha wamawakumu alnnaru wama lakum min nasireena
Translation: Baheze babwirwe n’Imana Allah bati: “Kuri uno musi, Turabirengagije mu kubagumiza mu bihano vya Jahannamu nka kurya mwirengagije ukwemera, mukareka kwitegurira uyu musi wanyu, n’ubushikiro bwanyu rero ni mu muriro wa Jahannamu, nta n’umwe muronka abatabara ngo abakingire ibihano;
ذَٰلِكُم بِأَنَّكُمُ ٱتَّخَذۡتُمۡ ءَايَٰتِ ٱللَّهِ هُزُوٗا وَغَرَّتۡكُمُ ٱلۡحَيَوٰةُ ٱلدُّنۡيَاۚ فَٱلۡيَوۡمَ لَا يُخۡرَجُونَ مِنۡهَا وَلَا هُمۡ يُسۡتَعۡتَبُونَ ﴿35﴾ذَٰلِكُم بِأَنَّكُمُ ٱتَّخَذۡتُمۡ ءَايَٰتِ ٱللَّهِ هُزُوٗا وَغَرَّتۡكُمُ ٱلۡحَيَوٰةُ ٱلدُّنۡيَاۚ فَٱلۡيَوۡمَ لَا يُخۡرَجُونَ مِنۡهَا وَلَا هُمۡ يُسۡتَعۡتَبُونَ
Transliteration: Thalikum biannakumu ittakhathtum ayati Allahi huzuwan wagharratkumu alhayatu alddunya faalyawma la yukhrajoona minha wala hum yustaAAtaboona
Translation: Ivyo bihano mwahawe, vyaturutse ku gufata Aayah n’ivyemezo vy’Imana Allah minenegwe, mukabiteburako, no kuba mwarahenzwe mutwarwa n’ibihendamaso vyo mu buzima bwo kw’isi”. Kuri uno musi rero, ntibarota bava mu muriro wa Jahannamu, eka mbere ntibanasubizwa kw’isi ngo bigaye, baheze bakore ibikorwa vyiza.
فَلِلَّهِ ٱلۡحَمۡدُ رَبِّ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَرَبِّ ٱلۡأَرۡضِ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ ﴿36﴾فَلِلَّهِ ٱلۡحَمۡدُ رَبِّ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَرَبِّ ٱلۡأَرۡضِ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Transliteration: Falillahi alhamdu rabbi alssamawati warabbi alardi rabbi alAAalameena
Translation: Kubera ivyo vyose rero, ishimagizwa ni iry’Imana Rurema Allah, Umubungabunzi w’amajuru n’isi, Ikaba n’Umubungabunzi w’ibiremwa vyose;
وَلَهُ ٱلۡكِبۡرِيَآءُ فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۖ وَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلۡحَكِيمُ ﴿37﴾وَلَهُ ٱلۡكِبۡرِيَآءُ فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۖ وَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلۡحَكِيمُ
Transliteration: Walahu alkibriyao fee alssamawati waalardi wahuwa alAAazeezu alhakeemu
Translation: Ni Yo Ikwiye kwigamba ku butwari n’ubutore vyayo mu majuru no mw’isi, ni na Yo rero Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.
Transliteration source: English Transliteration by Tanzil. Used under Tanzil's non-commercial terms; see the source and latest updates at Tanzil. Tanzil translation download