quranm◉

Surah At-Tur transliteration

◉ Sura · ∞

52:1

وَٱلطُّورِ ﴿1﴾

Transliteration: Waalttoori

Translation: Jewe Allah, Ndarahiye ku musozi wa Twuuri Sinayi, ari na wo Navuganiyeko na Musa ukuri kwamye;

52:2

وَكِتَٰبٖ مَّسۡطُورٖ ﴿2﴾

Transliteration: Wakitabin mastoorin

Translation: No ku Gitabu ca Qor’ani canditswe;

52:3

فِي رَقّٖ مَّنشُورٖ ﴿3﴾

Transliteration: Fee raqqin manshoorin

Translation: No ku Mizingo ihinguwe mu rusato, yuguruye;

52:4

وَٱلۡبَيۡتِ ٱلۡمَعۡمُورِ ﴿4﴾

Transliteration: Waalbayti almaAAmoori

Translation: No ku ngoro iri mw’ijuru ryegereye isi, irimwo abamalayika bama bariko barayikikura ku mwanya ku mwanya;

52:5

وَٱلسَّقۡفِ ٱلۡمَرۡفُوعِ ﴿5﴾

Transliteration: Waalssaqfi almarfooAAi

Translation: No kw’ijuru ryegereye isi, rikaba ari na co gisenge cayo;

52:6

وَٱلۡبَحۡرِ ٱلۡمَسۡجُورِ ﴿6﴾

Transliteration: Waalbahri almasjoori

Translation: No kw’ibahari rizodomekwa rikarurumba ku musi w’umuhero w’isi;

52:7

إِنَّ عَذَابَ رَبِّكَ لَوَٰقِعٞ ﴿7﴾

Transliteration: Inna AAathaba rabbika lawaqiAAun

Translation: Ko mu vy’ukuri ibihano vy’Imana yawe Rurema ga Ntumwa y’Imana, bitegerezwa gushikira abagarariji;

52:8

مَّا لَهُۥ مِن دَافِعٖ ﴿8﴾

Transliteration: Ma lahu min dafiAAin

Translation: Nta n’uwuzobuza ko nya bihano bibashikira;

52:9

يَوۡمَ تَمُورُ ٱلسَّمَآءُ مَوۡرٗا ﴿9﴾

Transliteration: Yawma tamooru alssamao mawran

Translation: Ku musi ijuru ryasenyutse rigacika ubunywenywe;

52:10

وَتَسِيرُ ٱلۡجِبَالُ سَيۡرٗا ﴿10﴾

Transliteration: Wataseeru aljibalu sayran

Translation: Imisozi na yo igakurwaho, maze ikagenda nka kurya ubona ibicu bigenda!

52:11

فَوَيۡلٞ يَوۡمَئِذٖ لِّلۡمُكَذِّبِينَ ﴿11﴾

Transliteration: Fawaylun yawmaithin lilmukaththibeena

Translation: Uguhanwa nya guhanwa kuri uwo musi, ni ukw’abahakana ukuri bivuye inyuma;

52:12

ٱلَّذِينَ هُمۡ فِي خَوۡضٖ يَلۡعَبُونَ ﴿12﴾

Transliteration: Allatheena hum fee khawdin yalAAaboona

Translation: Barya bishinga gufyinata mu gutebura kw’idini;

52:13

يَوۡمَ يُدَعُّونَ إِلَىٰ نَارِ جَهَنَّمَ دَعًّا ﴿13﴾

Transliteration: Yawma yudaAAAAoona ila nari jahannama daAAAAan

Translation: Umusi rero, abahakanyi basunikiwe mu muriro wa Jahannamu ukuri kwo gusunikirwayo;

52:14

هَٰذِهِ ٱلنَّارُ ٱلَّتِي كُنتُم بِهَا تُكَذِّبُونَ ﴿14﴾

Transliteration: Hathihi alnnaru allatee kuntum biha tukaththiboona

Translation: Bazobwirwa n’agashinyaguro n’akantu bati: “Ng’uwo wa muriro mwahora muhakana ko utabaho;

52:15

أَفَسِحۡرٌ هَٰذَآ أَمۡ أَنتُمۡ لَا تُبۡصِرُونَ ﴿15﴾

Transliteration: Afasihrun hatha am antum la tubsiroona

Translation: Mbega none ibi bihano murimwo, ni uburozi canke nta vyo mubona!

52:16

ٱصۡلَوۡهَا فَٱصۡبِرُوٓاْ أَوۡ لَا تَصۡبِرُواْ سَوَآءٌ عَلَيۡكُمۡۖ إِنَّمَا تُجۡزَوۡنَ مَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ ﴿16﴾

Transliteration: Islawha faisbiroo aw la tasbiroo sawaon AAalaykum innama tujzawna ma kuntum taAAmaloona

Translation: Nimuwinjire muwote rero; mwihangana mutihangana, vyose ni kimwe, ntimurota mutezurirwa mu bihano. Ni ukuri, muhemberwa ivyo mwari mwarakoze kw’isi”.

52:17

إِنَّ ٱلۡمُتَّقِينَ فِي جَنَّـٰتٖ وَنَعِيمٖ ﴿17﴾

Transliteration: Inna almuttaqeena fee jannatin wanaAAeemin

Translation: Mu vy’ukuri abagamburukiramana, bazoba bari mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, bari no mu nema zihambaye;

52:18

فَٰكِهِينَ بِمَآ ءَاتَىٰهُمۡ رَبُّهُمۡ وَوَقَىٰهُمۡ رَبُّهُمۡ عَذَابَ ٱلۡجَحِيمِ ﴿18﴾

Transliteration: Fakiheena bima atahum rabbuhum wawaqahum rabbuhum AAathaba aljaheemi

Translation: Akamwemwe kabasya, baryohewe n’inema z’ubwoko bwose bahawe n’Imana yabo Rurema Allah, kandi Imana yabo Rurema Allah Izonabakingira ibihano vy’umuriro ururumba wa Jahannamu;

52:19

كُلُواْ وَٱشۡرَبُواْ هَنِيٓـَٔۢا بِمَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ ﴿19﴾

Transliteration: Kuloo waishraboo haneean bima kuntum taAAmaloona

Translation: Maze babwirwe bati: “Nimurye mwongere munywe n’akayabagu kenshi, burya muhembewe ibikorwa vyiza mwari mwarakoze kw’isi”.

52:20

مُتَّكِـِٔينَ عَلَىٰ سُرُرٖ مَّصۡفُوفَةٖۖ وَزَوَّجۡنَٰهُم بِحُورٍ عِينٖ ﴿20﴾

Transliteration: Muttakieena AAala sururin masfoofatin wazawwajnahum bihoorin AAeenin

Translation: Bazoba rero bicaye ku bitanda bisharije bitondetse neza. Tuzonabatera iteka Tubashingire abakenyezi bo mu Bwami bw’ijuru, barangwa n’ubwiza bw’akataraboneka (Hururayini).

52:21

وَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَٱتَّبَعَتۡهُمۡ ذُرِّيَّتُهُم بِإِيمَٰنٍ أَلۡحَقۡنَا بِهِمۡ ذُرِّيَّتَهُمۡ وَمَآ أَلَتۡنَٰهُم مِّنۡ عَمَلِهِم مِّن شَيۡءٖۚ كُلُّ ٱمۡرِيِٕۭ بِمَا كَسَبَ رَهِينٞ ﴿21﴾

Transliteration: Waallatheena amanoo waittabaAAathum thurriyyatuhum bieemanin alhaqna bihim thurriyyatahum wama alatnahum min AAamalihim min shayin kullu imriin bima kasaba raheenun

Translation: Na barya bemeye, maze n’uruvyaro rwabo rukabakurikira mu kwemera, Tuzobakurikiza uruvyaro rwabo mu Bwami bw’ijuru, n’aho batazoba bari ku rugezo rw’ibikorwa vyabo, kandi ntituzogabanya na kimwe ku ndishi y’ivyo bakoze. Burya umuntu wese azofatirwa ku vyo yakoze, nta wuzohanirwa icaha c’uwundi.

52:22

وَأَمۡدَدۡنَٰهُم بِفَٰكِهَةٖ وَلَحۡمٖ مِّمَّا يَشۡتَهُونَ ﴿22﴾

Transliteration: Waamdadnahum bifakihatin walahmin mimma yashtahoona

Translation: Hejuru y’inema bazoba barimwo, Tuzobaha ivyamwa n’inyama bitera akayabagu, kuko biri mu bintu bikundwa cane;

52:23

يَتَنَٰزَعُونَ فِيهَا كَأۡسٗا لَّا لَغۡوٞ فِيهَا وَلَا تَأۡثِيمٞ ﴿23﴾

Transliteration: YatanazaAAoona feeha kasan la laghwun feeha wala tatheemun

Translation: Tuzobaha n’umwuhiro w’inzoga zitaboreza, ibirahuri vy’inzoga bikurakuranwa, bahererekanya hagati yabo mu Bwami bw’ijuru; nya nzoga, nta ho zisa zisana n’izo kw’isi ziyayura umutwe, umuntu agatangura kudedemba avuga ayamuhe yitonganya;

52:24

وَيَطُوفُ عَلَيۡهِمۡ غِلۡمَانٞ لَّهُمۡ كَأَنَّهُمۡ لُؤۡلُؤٞ مَّكۡنُونٞ ﴿24﴾

Transliteration: Wayatoofu AAalayhim ghilmanun lahum kaannahum luluon maknoonun

Translation: Bazoba bakikijwe n’imisore myiza, ikurakuranwa mu kubazimana; uyibonye, ku bwiza bwayo wogira ngo ni lulu[1] zikiri aho zaremewe, zitarakorwako n’iminwe y’abantu.

52:25

وَأَقۡبَلَ بَعۡضُهُمۡ عَلَىٰ بَعۡضٖ يَتَسَآءَلُونَ ﴿25﴾

Transliteration: Waaqbala baAAduhum AAala baAAdin yatasaaloona

Translation: Abari mu Bwami bw’ijuru, bazobazanya hagati yabo, batera inkuru z’ubuzima babanyemwo n’abandi kw’isi;

52:26

قَالُوٓاْ إِنَّا كُنَّا قَبۡلُ فِيٓ أَهۡلِنَا مُشۡفِقِينَ ﴿26﴾

Transliteration: Qaloo inna kunna qablu fee ahlina mushfiqeena

Translation: Maze bavuge bati: “Mu vy’ukuri, mu buzima twabayeho mu bacu, aho hambere kw’isi, twaratinya Imana yacu Rurema Allah, tukamana impungenge ku bihano vyo ku musi w’izuka;

52:27

فَمَنَّ ٱللَّهُ عَلَيۡنَا وَوَقَىٰنَا عَذَابَ ٱلسَّمُومِ ﴿27﴾

Transliteration: Famanna Allahu AAalayna wawaqana AAathaba alssamoomi

Translation: Maze Imana Allah Itugirira ubuntu, Iturongora mu nzira yayo, Iraheza Idukingira n’ibihano vy’umwokero wa Jahannamu;

52:28

إِنَّا كُنَّا مِن قَبۡلُ نَدۡعُوهُۖ إِنَّهُۥ هُوَ ٱلۡبَرُّ ٱلرَّحِيمُ ﴿28﴾

Transliteration: Inna kunna min qablu nadAAoohu innahu huwa albarru alrraheemu

Translation: Mu vy’ukuri n’imbere y’ugukingirwa nya bihano, twahora dutakambira Imana Allah, mu kuyisaba tutayibangikanya, ko Yobidukingira. Mu vy’ukuri, ni Yo Mugiranezamurivyose, Nyenimbabazi ku batoni bayo”.

52:29

فَذَكِّرۡ فَمَآ أَنتَ بِنِعۡمَتِ رَبِّكَ بِكَاهِنٖ وَلَا مَجۡنُونٍ ﴿29﴾

Transliteration: Fathakkir fama anta biniAAmati rabbika bikahin wala majnoonin

Translation: Ntumwa y’Imana! Ibutsa rero abo warungitsweko ukoresheje Qor’ani, kuko guhabwa kwawe ubutumwa n’ubumenyi mw’idini, si vyo vyotuma witwa Senyagara avuga ivyo adafitiye ubumenyi, canke umusazi yakehewe n’ubwenge.

52:30

أَمۡ يَقُولُونَ شَاعِرٞ نَّتَرَبَّصُ بِهِۦ رَيۡبَ ٱلۡمَنُونِ ﴿30﴾

Transliteration: Am yaqooloona shaAAirun natarabbasu bihi rayba almanooni

Translation: Canke ababangikanyamana boba bavuga bati: “Uwo Muhamadi mwumva, ni umwivuzi w’amazina, tumuteze imisi, mureke urupfu ruramubona!”

52:31

قُلۡ تَرَبَّصُواْ فَإِنِّي مَعَكُم مِّنَ ٱلۡمُتَرَبِّصِينَ ﴿31﴾

Transliteration: Qul tarabbasoo fainnee maAAakum mina almutarabbiseena

Translation: Ntumwa y’Imana! Bishure uti: “Nimurindire urupfu rwanje, nanje mu vy’ukuri ndacarindiriye hamwe na mwe ibihano muzohabwa”.

52:32

أَمۡ تَأۡمُرُهُمۡ أَحۡلَٰمُهُم بِهَٰذَآۚ أَمۡ هُمۡ قَوۡمٞ طَاغُونَ ﴿32﴾

Transliteration: Am tamuruhum ahlamuhum bihatha am hum qawmun taghoona

Translation: Ahubwo rero, burya ubwenge bw’ababangikanyamana, bwoba bubategeka kuvuga ijambo ry’igarariza nk’iryo, mu gihe bitarigera bishika ko umuntu yoba senyagara, akaba umwivuzi w’amazina, akaba n’umusazi mu mwanya umwe! Ahubwo rero bo, ni abantu bimonogoje mu kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.

52:33

أَمۡ يَقُولُونَ تَقَوَّلَهُۥۚ بَل لَّا يُؤۡمِنُونَ ﴿33﴾

Transliteration: Am yaqooloona taqawwalahu bal la yuminoona

Translation: Ahubwo none, ababangikanyamana boba bavuga ko Muhamadi yarementanije Qor’ani! Ahubwo rero bo, ntibemera namba.

52:34

فَلۡيَأۡتُواْ بِحَدِيثٖ مِّثۡلِهِۦٓ إِن كَانُواْ صَٰدِقِينَ ﴿34﴾

Transliteration: Falyatoo bihadeethin mithlihi in kanoo sadiqeena

Translation: Nivyaba biri nk’ukwo babivuga, nibazane rero amajambo arementanije nka Qor’ani, nibaba ari imvugakuri ko Muhamadi yarementanije Qor’ani.

52:35

أَمۡ خُلِقُواْ مِنۡ غَيۡرِ شَيۡءٍ أَمۡ هُمُ ٱلۡخَٰلِقُونَ ﴿35﴾

Transliteration: Am khuliqoo min ghayri shayin am humu alkhaliqoona

Translation: Mbega ababangikanyamana, boba baremwe n’ubusa ata cabaremye! Canke boba bariremye! Usangwa bataremwe n’ubusa canke ngo bireme, nibamenye rero ko Imana Allah ari Yo Yabaremye, n’uko ari Yo rero, Ikwiye gusengwa Itabangikanywa.

52:36

أَمۡ خَلَقُواْ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَۚ بَل لَّا يُوقِنُونَ ﴿36﴾

Transliteration: Am khalaqoo alssamawati waalarda bal la yooqinoona

Translation: Canke boba bararemye amajuru n’isi muri ubu buryo buhimbaye! Ahubwo rero, ntibemera namba ko bazohanwa.

52:37

أَمۡ عِندَهُمۡ خَزَآئِنُ رَبِّكَ أَمۡ هُمُ ٱلۡمُصَۜيۡطِرُونَ ﴿37﴾

Transliteration: Am AAindahum khazainu rabbika am humu almusaytiroona

Translation: Canke boba bajejwe ibigega vy’Imana yawe Rurema Allah! Canke boba baganza ibiremwa vy’Imana Allah! Ahubwo rero bo, nta n’ico bishoboje.

52:38

أَمۡ لَهُمۡ سُلَّمٞ يَسۡتَمِعُونَ فِيهِۖ فَلۡيَأۡتِ مُسۡتَمِعُهُم بِسُلۡطَٰنٖ مُّبِينٍ ﴿38﴾

Transliteration: Am lahum sullamun yastamiAAoona feehi falyati mustamiAAuhum bisultanin mubeenin

Translation: Canke boba bafise ingazi burirako ngo bumvirize ihishurwa ry’Imana Allah ko bari mu kuri! Nivyaba biri nk’ukwo babivuga rero, uwavyumvise muri bo, enda rero nyabuna nazane icemeza kigaragara cemeza ko bari mu kuri.

52:39

أَمۡ لَهُ ٱلۡبَنَٰتُ وَلَكُمُ ٱلۡبَنُونَ ﴿39﴾

Transliteration: Am lahu albanatu walakumu albanoona

Translation: Mbega none, Imana Allah Yarigeneye abana b’abakobwa, Iraheza na mwe Ibagenera abana b’abahungu nk’uko muvyibwira mwihenda!

52:40

أَمۡ تَسۡـَٔلُهُمۡ أَجۡرٗا فَهُم مِّن مَّغۡرَمٖ مُّثۡقَلُونَ ﴿40﴾

Transliteration: Am tasaluhum ajran fahum min maghramin muthqaloona

Translation: Ntumwa y’Imana! Ahubwo rero, woba usaba ababangikanyamana impembo kw’irarikiramana ryawe, bigatuma batakwumvira ku kuremerwa n’iyo mpembo ubasaba!

52:41

أَمۡ عِندَهُمُ ٱلۡغَيۡبُ فَهُمۡ يَكۡتُبُونَ ﴿41﴾

Transliteration: Am AAindahumu alghaybu fahum yaktuboona

Translation: Canke boba bafise ubumenyi bw’ibinyegejwe ibiremwa, baheza bakabwandika babushikiriza abantu! Baranguha, ubwo bumenyi bw’ibinyegejwe ibiremwa ni ubw’Imana Allah gusa.

52:42

أَمۡ يُرِيدُونَ كَيۡدٗاۖ فَٱلَّذِينَ كَفَرُواْ هُمُ ٱلۡمَكِيدُونَ ﴿42﴾

Transliteration: Am yureedoona kaydan faallatheena kafaroo humu almakeedoona

Translation: Ahubwo bashaka gukoresha urwenge ngo bagirire nabi Intumwa n’abemeramana. Nibamenye rero, ko Imana Allah Izohinyura urwenge rw’abagararije, maze inabi babipfuriza igaruke kuri bo nyene, na kare ngo urucira mukaso rugatwara nyoko.

52:43

أَمۡ لَهُمۡ إِلَٰهٌ غَيۡرُ ٱللَّهِۚ سُبۡحَٰنَ ٱللَّهِ عَمَّا يُشۡرِكُونَ ﴿43﴾

Transliteration: Am lahum ilahun ghayru Allahi subhana Allahi AAamma yushrikoona

Translation: Canke boba bafise iyindi mana ikwiye gusengwa atari Imana Allah! Nihaninahazwe rero Imana Allah mu buryo burengeye cane ivyo ababangikanyamana bayibangikanya.

52:44

وَإِن يَرَوۡاْ كِسۡفٗا مِّنَ ٱلسَّمَآءِ سَاقِطٗا يَقُولُواْ سَحَابٞ مَّرۡكُومٞ ﴿44﴾

Transliteration: Wain yaraw kisfan mina alssamai saqitan yaqooloo sahabun markoomun

Translation: Ababangikanyamana no mu gihe bobona igihande c’ijuru kibaguyeko, ntiboretse guhakana, bovuze bati: “Ivyo, ni ibicu gusa vyiyegeranije”.

52:45

فَذَرۡهُمۡ حَتَّىٰ يُلَٰقُواْ يَوۡمَهُمُ ٱلَّذِي فِيهِ يُصۡعَقُونَ ﴿45﴾

Transliteration: Fatharhum hatta yulaqoo yawmahumu allathee feehi yusAAaqoona

Translation: Ntumwa y’Imana! Ababangikanyamana, bareke barendegere gushika igihe bahuye n’umusi wabo w’izuka bazohanirwako;

52:46

يَوۡمَ لَا يُغۡنِي عَنۡهُمۡ كَيۡدُهُمۡ شَيۡـٔٗا وَلَا هُمۡ يُنصَرُونَ ﴿46﴾

Transliteration: Yawma la yughnee AAanhum kayduhum shayan wala hum yunsaroona

Translation: Umusi urwenge rwabo ata na kimwe ruzobamarira mu gihe bazoba bari mu bihano vy’Imana Allah; eka mbere bobo, ntibazoronka n’uwubatabara ngo abibakuremwo.

52:47

وَإِنَّ لِلَّذِينَ ظَلَمُواْ عَذَابٗا دُونَ ذَٰلِكَ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَهُمۡ لَا يَعۡلَمُونَ ﴿47﴾

Transliteration: Wainna lillatheena thalamoo AAathaban doona thalika walakinna aktharahum la yaAAlamoona

Translation: Mu vy’ukuri, abirenganije mu guhakana, barategekanirijwe n’ibihano mu buzima bwo kw’isi[2], ariko rero abenshi muri bo nta vyo bazi.

52:48

وَٱصۡبِرۡ لِحُكۡمِ رَبِّكَ فَإِنَّكَ بِأَعۡيُنِنَاۖ وَسَبِّحۡ بِحَمۡدِ رَبِّكَ حِينَ تَقُومُ ﴿48﴾

Transliteration: Waisbir lihukmi rabbika fainnaka biaAAyunina wasabbih bihamdi rabbika heena taqoomu

Translation: Ntumwa y’Imana! Ihanganire rero ishikirizabutumwa ku bw’Imana Allah, maze wihanganire n’ibangamira ry’abaguhakana; mu vy’ukuri wewe, Tugushinze ijisho nta kigukorako urakingiwe, uheze uninahaze n’Imana yawe Rurema Allah mu kuyishimagiza mu gihe ugiye gusenga no mu gihe uvyutse;

52:49

وَمِنَ ٱلَّيۡلِ فَسَبِّحۡهُ وَإِدۡبَٰرَ ٱلنُّجُومِ ﴿49﴾

Transliteration: Wamina allayli fasabbihhu waidbara alnnujoomi

Translation: Uheze rero no mw’ijoro uyininahaze mu kuyishimagiza mw’isengesho, wongere ugire nk’ukwo nyene mu mutwenzi igihe c’irenga ry’inyenyeri.

Transliteration source: English Transliteration by Tanzil. Used under Tanzil's non-commercial terms; see the source and latest updates at Tanzil. Tanzil translation download