quranm◉

Surah Al-Jumu'ah transliteration

◉ Sura · ∞

62:1

يُسَبِّحُ لِلَّهِ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَا فِي ٱلۡأَرۡضِ ٱلۡمَلِكِ ٱلۡقُدُّوسِ ٱلۡعَزِيزِ ٱلۡحَكِيمِ ﴿1﴾

Transliteration: Yusabbihu lillahi ma fee alssamawati wama fee alardi almaliki alquddoosi alAAazeezi alhakeemi

Translation: Ibiri mu majuru no kw’isi vyose, biraninahaza Imana Allah, Umwami, Nyenubutagatifu, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.

62:2

هُوَ ٱلَّذِي بَعَثَ فِي ٱلۡأُمِّيِّـۧنَ رَسُولٗا مِّنۡهُمۡ يَتۡلُواْ عَلَيۡهِمۡ ءَايَٰتِهِۦ وَيُزَكِّيهِمۡ وَيُعَلِّمُهُمُ ٱلۡكِتَٰبَ وَٱلۡحِكۡمَةَ وَإِن كَانُواْ مِن قَبۡلُ لَفِي ضَلَٰلٖ مُّبِينٖ ﴿2﴾

Transliteration: Huwa allathee baAAatha fee alommiyyeena rasoolan minhum yatloo AAalayhim ayatihi wayuzakkeehim wayuAAallimuhumu alkitaba waalhikmata wain kanoo min qablu lafee dalalin mubeenin

Translation: Ni Yo Yarungitse Intumwa ivuye mu Barabu batazi gusoma no kwandika, Iraheza Iyirungika ku bantu bose, ibasomera Qor’ani inabeza ingeso mbi n’ukwemera gushingiye ku bintazi, ibigisha n’Igitabu ca Qor’ani n’imigenzo y’intumwa (Sunnah), mu gihe bari mu muzimagiza w'ubuhuvyi ugaragara imbere y’irungikwa ry’iyo Ntumwa;

62:3

وَءَاخَرِينَ مِنۡهُمۡ لَمَّا يَلۡحَقُواْ بِهِمۡۚ وَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلۡحَكِيمُ ﴿3﴾

Transliteration: Waakhareena minhum lamma yalhaqoo bihim wahuwa alAAazeezu alhakeemu

Translation: Izokweza n’abandi muri bo bataraza (bazokurikira inyuma y’ingendanyi). Imana Allah, ni na Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.

62:4

ذَٰلِكَ فَضۡلُ ٱللَّهِ يُؤۡتِيهِ مَن يَشَآءُۚ وَٱللَّهُ ذُو ٱلۡفَضۡلِ ٱلۡعَظِيمِ ﴿4﴾

Transliteration: Thalika fadlu Allahi yuteehi man yashao waAllahu thoo alfadli alAAatheemi

Translation: Iryo rungikwa ry’Intumwa rero, ni impano y’Imana Allah, Iyiha uwo Yishakiye mu biremwa. Burya rero Imana Allah, ni Yo Nyenimpano nyinshi zihambaye.

62:5

مَثَلُ ٱلَّذِينَ حُمِّلُواْ ٱلتَّوۡرَىٰةَ ثُمَّ لَمۡ يَحۡمِلُوهَا كَمَثَلِ ٱلۡحِمَارِ يَحۡمِلُ أَسۡفَارَۢاۚ بِئۡسَ مَثَلُ ٱلۡقَوۡمِ ٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِ ٱللَّهِۚ وَٱللَّهُ لَا يَهۡدِي ٱلۡقَوۡمَ ٱلظَّـٰلِمِينَ ﴿5﴾

Transliteration: Mathalu allatheena hummiloo alttawrata thumma lam yahmilooha kamathali alhimari yahmilu asfaran bisa mathalu alqawmi allatheena kaththaboo biayati Allahi waAllahu la yahdee alqawma alththalimeena

Translation: Akarorero k’abayahudi bategetswe kugendera ibiri mu Gitabu ca Tawurati hanyuma ntibabigendera nk’uko bategetswe; ni nka kurya kw’indogobwe yikoreye ibitabu itazi ibirimwo. Ni akarorero kabi cane k’abantu bahakanye bivuye inyuma Aayah z’Imana Allah, ntizagira ico zibamariye. Burya Imana Allah na Yo, ntirongora mu nzira yayo, abantu birenganya mu kurenga ku mabwirizwa yayo.

62:6

قُلۡ يَـٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ هَادُوٓاْ إِن زَعَمۡتُمۡ أَنَّكُمۡ أَوۡلِيَآءُ لِلَّهِ مِن دُونِ ٱلنَّاسِ فَتَمَنَّوُاْ ٱلۡمَوۡتَ إِن كُنتُمۡ صَٰدِقِينَ ﴿6﴾

Transliteration: Qul ya ayyuha allatheena hadoo in zaAAamtum annakum awliyao lillahi min dooni alnnasi fatamannawoo almawta in kuntum sadiqeena

Translation: Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Emwe bayahudi! Nimwaba mwigamba ko muri inkundwakazi zishikira ku Mana Allah, enda rero, nimwipfuze urupfu nimwaba muri imvugakuri”.

62:7

وَلَا يَتَمَنَّوۡنَهُۥٓ أَبَدَۢا بِمَا قَدَّمَتۡ أَيۡدِيهِمۡۚ وَٱللَّهُ عَلِيمُۢ بِٱلظَّـٰلِمِينَ ﴿7﴾

Transliteration: Wala yatamannawnahu abadan bima qaddamat aydeehim waAllahu AAaleemun bialththalimeena

Translation: Ntibazokwigera barwipfuza na rimwe kubera ugukunda ivy’isi no gutinya guhanirwa ibibi bakora. Imana Allah na Yo, Irazi neza abirenganije mu kurenga ku mabwirizwa yayo.

62:8

قُلۡ إِنَّ ٱلۡمَوۡتَ ٱلَّذِي تَفِرُّونَ مِنۡهُ فَإِنَّهُۥ مُلَٰقِيكُمۡۖ ثُمَّ تُرَدُّونَ إِلَىٰ عَٰلِمِ ٱلۡغَيۡبِ وَٱلشَّهَٰدَةِ فَيُنَبِّئُكُم بِمَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ ﴿8﴾

Transliteration: Qul inna almawta allathee tafirroona minhu fainnahu mulaqeekum thumma turaddoona ila AAalimi alghaybi waalshshahadati fayunabbiokum bima kuntum taAAmaloona

Translation: Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Mu vy’ukuri urupfu muhunga, nta nkeka ruzobashikira nihagera gupfa, hanyuma musubizwe kuri Rumenyi w’ibinyegeje n’ibiboneka ku musi w’izuka, maze Abamenyeshe ivyo mwari mwarakoze vyose kw'isi, Anabibahembere”.

62:9

يَـٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ إِذَا نُودِيَ لِلصَّلَوٰةِ مِن يَوۡمِ ٱلۡجُمُعَةِ فَٱسۡعَوۡاْ إِلَىٰ ذِكۡرِ ٱللَّهِ وَذَرُواْ ٱلۡبَيۡعَۚ ذَٰلِكُمۡ خَيۡرٞ لَّكُمۡ إِن كُنتُمۡ تَعۡلَمُونَ ﴿9﴾

Transliteration: Ya ayyuha allatheena amanoo itha noodiya lilssalati min yawmi aljumuAAati faisAAaw ila thikri Allahi watharoo albayAAa thalikum khayrun lakum in kuntum taAAlamoona

Translation: Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nihararikwa kuja gusenga ku musi w’ikoraniro w'ijuma, murashoka munyaragasa kuja gusenga no kwumviriza inyigisho, muheze mureke kugura no kugurisha ibidandazwa hamwe n’ibindi vyose bisamaza. Ivyo mutegetswe, ni vyiza kuri mwebwe kurusha. Nimwaba muzi ibibafitiye akamaro rero, nimuvyubahirize[1].

62:10

فَإِذَا قُضِيَتِ ٱلصَّلَوٰةُ فَٱنتَشِرُواْ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَٱبۡتَغُواْ مِن فَضۡلِ ٱللَّهِ وَٱذۡكُرُواْ ٱللَّهَ كَثِيرٗا لَّعَلَّكُمۡ تُفۡلِحُونَ ﴿10﴾

Transliteration: Faitha qudiyati alssalatu faintashiroo fee alardi waibtaghoo min fadli Allahi waothkuroo Allaha katheeran laAAallakum tuflihoona

Translation: Nimwamara kwumviriza inyigisho, mugaheza no gusenga, murakwiragira kw’isi, murondere icobabeshaho mu mpano z’Imana Allah, maze muninahaze kenshi Imana Allah aho muzoba muri hose, kugira muronke intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.

62:11

وَإِذَا رَأَوۡاْ تِجَٰرَةً أَوۡ لَهۡوًا ٱنفَضُّوٓاْ إِلَيۡهَا وَتَرَكُوكَ قَآئِمٗاۚ قُلۡ مَا عِندَ ٱللَّهِ خَيۡرٞ مِّنَ ٱللَّهۡوِ وَمِنَ ٱلتِّجَٰرَةِۚ وَٱللَّهُ خَيۡرُ ٱلرَّـٰزِقِينَ ﴿11﴾

Transliteration: Waitha raaw tijaratan aw lahwan infaddoo ilayha watarakooka qaiman qul ma AAinda Allahi khayrun mina allahwi wamina alttijarati waAllahu khayru alrraziqeena

Translation: Ntumwa y’Imana! Iyo bamwe mu bislamu babonye urudandazwa, canke ibintu bisamaza ata co bimaze mu bihendamaso vy'isi, baca babihurumbira bakagusiga uhagaze wenyene. Babwire uti: “Burya indishi n’inema biri ku Mana Allah, ni vyo vyiza kuri mwebwe gusumba urudandazwa n’ibisamaza. Burya Imana Allah, ni Yo Mwiza w’abaronsa ibibeshaho ibiremwa”.

Transliteration source: English Transliteration by Tanzil. Used under Tanzil's non-commercial terms; see the source and latest updates at Tanzil. Tanzil translation download