15:1الٓرۚ تِلۡكَ ءَايَٰتُ ٱلۡكِتَٰبِ وَقُرۡءَانٖ مُّبِينٖ ﴿1﴾الٓرۚ تِلۡكَ ءَايَٰتُ ٱلۡكِتَٰبِ وَقُرۡءَانٖ مُّبِينٖ
Transliteration: Aliflamra tilka ayatu alkitabi waquranin mubeenin
Translation: Alif Laam Raa [319]. Izi ni Aayah z’Igitabu, ico Gitabu kikaba ari yo Qor’ani itomoye neza, mu nsiguro, mu ngingo z’ibirekuwe n’ibizira, ikaba inatomoye neza kandi no mu burongozi bwayo.
15:2رُّبَمَا يَوَدُّ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ لَوۡ كَانُواْ مُسۡلِمِينَ ﴿2﴾رُّبَمَا يَوَدُّ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ لَوۡ كَانُواْ مُسۡلِمِينَ
Transliteration: Rubama yawaddu allatheena kafaroo law kanoo muslimeena
Translation: Igihe abagarariji babonye ibigaba mu bislamu bitezuriwe bikava mu muriro wa Jahannamu, bazokwicuza igituma batabaye abislamu.
15:3ذَرۡهُمۡ يَأۡكُلُواْ وَيَتَمَتَّعُواْ وَيُلۡهِهِمُ ٱلۡأَمَلُۖ فَسَوۡفَ يَعۡلَمُونَ ﴿3﴾ذَرۡهُمۡ يَأۡكُلُواْ وَيَتَمَتَّعُواْ وَيُلۡهِهِمُ ٱلۡأَمَلُۖ فَسَوۡفَ يَعۡلَمُونَ
Transliteration: Tharhum yakuloo wayatamattaAAoo wayulhihimu alamalu fasawfa yaAAlamoona
Translation: Ntumwa y’Imana! Reka abagarariji barye baryame, bidagadure baryoherwe gato n’ubuzima bw’isi, maze basamazwe no guhurumbira kwegeranya ivy’isi ha kugamburukira Imana Allah; bitebe bitebuke, bazomenya neza iherezo ryabo, ko ari ribi.
15:4وَمَآ أَهۡلَكۡنَا مِن قَرۡيَةٍ إِلَّا وَلَهَا كِتَابٞ مَّعۡلُومٞ ﴿4﴾وَمَآ أَهۡلَكۡنَا مِن قَرۡيَةٍ إِلَّا وَلَهَا كِتَابٞ مَّعۡلُومٞ
Transliteration: Wama ahlakna min qaryatin illa walaha kitabun maAAloomun
Translation: Nibaba rero bakugarariza ku gushaka kwihutira guhanwa, nibamenye ko ata ho Twigeze guhana abanyagacimbiri ngo Tubahonye, kiretse igihe isango ry’ihonywa ryabo rigeze.
15:5مَّا تَسۡبِقُ مِنۡ أُمَّةٍ أَجَلَهَا وَمَا يَسۡتَـٔۡخِرُونَ ﴿5﴾مَّا تَسۡبِقُ مِنۡ أُمَّةٍ أَجَلَهَا وَمَا يَسۡتَـٔۡخِرُونَ
Transliteration: Ma tasbiqu min ommatin ajalaha wama yastakhiroona
Translation: Nta mugwi n’umwe rero w’abantu wigeze guhanwa isango ry’ihanwa ryawo ritaragera, eka nta n’uwigeze guhanwa isango ry’ihanwa ryawo ryarenganye.
15:6وَقَالُواْ يَـٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِي نُزِّلَ عَلَيۡهِ ٱلذِّكۡرُ إِنَّكَ لَمَجۡنُونٞ ﴿6﴾وَقَالُواْ يَـٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِي نُزِّلَ عَلَيۡهِ ٱلذِّكۡرُ إِنَّكَ لَمَجۡنُونٞ
Transliteration: Waqaloo ya ayyuha allathee nuzzila AAalayhi alththikru innaka lamajnoonun
Translation: Abagarariji babwiye Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) batebura bati: “Ewe muntu wamanuriwe Qor’ani, wewe mu vy’ukuri warakehewe n’ubwenge;
15:7لَّوۡمَا تَأۡتِينَا بِٱلۡمَلَـٰٓئِكَةِ إِن كُنتَ مِنَ ٱلصَّـٰدِقِينَ ﴿7﴾لَّوۡمَا تَأۡتِينَا بِٱلۡمَلَـٰٓئِكَةِ إِن كُنتَ مِنَ ٱلصَّـٰدِقِينَ
Transliteration: Law ma tateena bialmalaikati in kunta mina alssadiqeena
Translation: Ubwo ntiwari gupfuma utumanurira abamalayika bemeza ukuri kwawe niwaba uri mu mvugakuri!”.
15:8مَا نُنَزِّلُ ٱلۡمَلَـٰٓئِكَةَ إِلَّا بِٱلۡحَقِّ وَمَا كَانُوٓاْ إِذٗا مُّنظَرِينَ ﴿8﴾مَا نُنَزِّلُ ٱلۡمَلَـٰٓئِكَةَ إِلَّا بِٱلۡحَقِّ وَمَا كَانُوٓاْ إِذٗا مُّنظَرِينَ
Transliteration: Ma nunazzilu almalaikata illa bialhaqqi wama kanoo ithan munthareena
Translation: Imana Allah Yaciye Ibishura Iti: “Burya Twebwe Allah, ntitumanura abamalayika, kiretse mu gihe hageze ihanwa ry’abagarariji vy’ukuri. Muri ico gihe rero, ntitunatenyenya na gato kubahana;
15:9إِنَّا نَحۡنُ نَزَّلۡنَا ٱلذِّكۡرَ وَإِنَّا لَهُۥ لَحَٰفِظُونَ ﴿9﴾إِنَّا نَحۡنُ نَزَّلۡنَا ٱلذِّكۡرَ وَإِنَّا لَهُۥ لَحَٰفِظُونَ
Transliteration: Inna nahnu nazzalna alththikra wainna lahu lahafithoona
Translation: Mu vy’ukuri ni Twebwe Allah, Twahishuriye Qor’ani Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), kandi ni Twebwe nyene Twishinze kuyibungabunga; nta kizokwongerwamwo nta n’ikizokurwamwo, eka ntizogenda amazimayongo”.
15:10وَلَقَدۡ أَرۡسَلۡنَا مِن قَبۡلِكَ فِي شِيَعِ ٱلۡأَوَّلِينَ ﴿10﴾وَلَقَدۡ أَرۡسَلۡنَا مِن قَبۡلِكَ فِي شِيَعِ ٱلۡأَوَّلِينَ
Transliteration: Walaqad arsalna min qablika fee shiyaAAi alawwaleena
Translation: Ntumwa y’Imana! Ni ukuri, Twararungitse aho hambere yawe Intumwa ku migwi y’abantu itandukanye;
15:11وَمَا يَأۡتِيهِم مِّن رَّسُولٍ إِلَّا كَانُواْ بِهِۦ يَسۡتَهۡزِءُونَ ﴿11﴾وَمَا يَأۡتِيهِم مِّن رَّسُولٍ إِلَّا كَانُواْ بِهِۦ يَسۡتَهۡزِءُونَ
Transliteration: Wama yateehim min rasoolin illa kanoo bihi yastahzioona
Translation: Nta Ntumwa n’imwe muri zo rero yigeze ibashikira, kiretse ko bahora bayiteburako.
15:12كَذَٰلِكَ نَسۡلُكُهُۥ فِي قُلُوبِ ٱلۡمُجۡرِمِينَ ﴿12﴾كَذَٰلِكَ نَسۡلُكُهُۥ فِي قُلُوبِ ٱلۡمُجۡرِمِينَ
Transliteration: Kathalika naslukuhu fee quloobi almujrimeena
Translation: Ni nk’uko nyene rero - Twateye ikimangu c’ubugarariji ku mitima yabo kubera itebura ryabo - Dutera ikimangu c’ubugarariji mu mitima y’abanyavyaha bakugarariza;
15:13لَا يُؤۡمِنُونَ بِهِۦ وَقَدۡ خَلَتۡ سُنَّةُ ٱلۡأَوَّلِينَ ﴿13﴾لَا يُؤۡمِنُونَ بِهِۦ وَقَدۡ خَلَتۡ سُنَّةُ ٱلۡأَوَّلِينَ
Transliteration: La yuminoona bihi waqad khalat sunnatu alawwaleena
Translation: Ntibemere Qor’ani wamanuriwe, ni na kwo Imana Allah Yamye Ibigenza mu guhonya imigwi y’abagarariji bo hambere yawe.
15:14وَلَوۡ فَتَحۡنَا عَلَيۡهِم بَابٗا مِّنَ ٱلسَّمَآءِ فَظَلُّواْ فِيهِ يَعۡرُجُونَ ﴿14﴾وَلَوۡ فَتَحۡنَا عَلَيۡهِم بَابٗا مِّنَ ٱلسَّمَآءِ فَظَلُّواْ فِيهِ يَعۡرُجُونَ
Transliteration: Walaw fatahna AAalayhim baban mina alssamai fathalloo feehi yaAArujoona
Translation: N’iyo Tuza kwugururira abagarariji b’i Makka umuryango ugana mw’ijuru, maze bakawudugiramwo kugira bibonere ukuri kwamye ibitangaro vyacu, ntibari kwemera namba;
15:15لَقَالُوٓاْ إِنَّمَا سُكِّرَتۡ أَبۡصَٰرُنَا بَلۡ نَحۡنُ قَوۡمٞ مَّسۡحُورُونَ ﴿15﴾لَقَالُوٓاْ إِنَّمَا سُكِّرَتۡ أَبۡصَٰرُنَا بَلۡ نَحۡنُ قَوۡمٞ مَّسۡحُورُونَ
Transliteration: Laqaloo innama sukkirat absaruna bal nahnu qawmun mashooroona
Translation: Ni ukuri, bari kuvuga bati: “Mu vy'ukuri twahunitswe, ibi tubona n’amaso si ivy’ukuri na gato, ahubwo mbere twebwe twarozwe”.
15:16وَلَقَدۡ جَعَلۡنَا فِي ٱلسَّمَآءِ بُرُوجٗا وَزَيَّنَّـٰهَا لِلنَّـٰظِرِينَ ﴿16﴾وَلَقَدۡ جَعَلۡنَا فِي ٱلسَّمَآءِ بُرُوجٗا وَزَيَّنَّـٰهَا لِلنَّـٰظِرِينَ
Transliteration: Walaqad jaAAalna fee alssamai buroojan wazayyannaha lilnnathireena
Translation: Ni ukuri Twebwe Allah, Twarashize mw’ijuru riri hafi y’isi inzira-ntasobwa z’inyenyeri, kugira nya nyenyeri zibere abantu ibimenyetso vyo kumenya inzira, umwanya, ibihe vy’agatasi n’ici, Turanaheza Tuzigira ibisharizo bisharije isi ku bitegereza;
15:17وَحَفِظۡنَٰهَا مِن كُلِّ شَيۡطَٰنٖ رَّجِيمٍ ﴿17﴾وَحَفِظۡنَٰهَا مِن كُلِّ شَيۡطَٰنٖ رَّجِيمٍ
Transliteration: Wahafithnaha min kulli shaytanin rajeemin
Translation: Twaranakingiye ijuru ribegereye ngo ntirivogerwe na shetani yavumwe;
15:18إِلَّا مَنِ ٱسۡتَرَقَ ٱلسَّمۡعَ فَأَتۡبَعَهُۥ شِهَابٞ مُّبِينٞ ﴿18﴾إِلَّا مَنِ ٱسۡتَرَقَ ٱلسَّمۡعَ فَأَتۡبَعَهُۥ شِهَابٞ مُّبِينٞ
Transliteration: Illa mani istaraqa alssamAAa faatbaAAahu shihabun mubeenun
Translation: Kiretse iyigerageje mu mashetani gusuma urusaku ku nkuru z’ibiremwa vyo mw’ijuru, iyo iraheza igaterwa inyenyeri nyakotsi yakaka, ikayiturira [320].
15:19وَٱلۡأَرۡضَ مَدَدۡنَٰهَا وَأَلۡقَيۡنَا فِيهَا رَوَٰسِيَ وَأَنۢبَتۡنَا فِيهَا مِن كُلِّ شَيۡءٖ مَّوۡزُونٖ ﴿19﴾وَٱلۡأَرۡضَ مَدَدۡنَٰهَا وَأَلۡقَيۡنَا فِيهَا رَوَٰسِيَ وَأَنۢبَتۡنَا فِيهَا مِن كُلِّ شَيۡءٖ مَّوۡزُونٖ
Transliteration: Waalarda madadnaha waalqayna feeha rawasiya waanbatna feeha min kulli shayin mawzoonin
Translation: Isi na yo nyene Twarayaguye, Turaheza Tuyiremako imisozi iyishigikiye nk’imambo, Tuyimezako amoko y’ibintu vyose nkenerwa ku rugero rugezwe neza, rutarenga ntirurenguke.
15:20وَجَعَلۡنَا لَكُمۡ فِيهَا مَعَٰيِشَ وَمَن لَّسۡتُمۡ لَهُۥ بِرَٰزِقِينَ ﴿20﴾وَجَعَلۡنَا لَكُمۡ فِيهَا مَعَٰيِشَ وَمَن لَّسۡتُمۡ لَهُۥ بِرَٰزِقِينَ
Transliteration: WajaAAalna lakum feeha maAAayisha waman lastum lahu biraziqeena
Translation: Turanabaremera ivyotuma muba kw’isi mu biterwa n’ibitungwa, n’ibindi. Twarabaremeye n’uruvyaro, abakozi n’ibitwazi mwikorako; ivyo vyose bikaba bibeshejweho n’Imana Allah, mbere si na mwe mujejwe icobibeshaho.
15:21وَإِن مِّن شَيۡءٍ إِلَّا عِندَنَا خَزَآئِنُهُۥ وَمَا نُنَزِّلُهُۥٓ إِلَّا بِقَدَرٖ مَّعۡلُومٖ ﴿21﴾وَإِن مِّن شَيۡءٍ إِلَّا عِندَنَا خَزَآئِنُهُۥ وَمَا نُنَزِّلُهُۥٓ إِلَّا بِقَدَرٖ مَّعۡلُومٖ
Transliteration: Wain min shayin illa AAindana khazainuhu wama nunazziluhu illa biqadarin maAAloomin
Translation: Nta kintu na kimwe nkenerwa rero ku neza y’ibiremwa, kiretse ko ibigega vyaco biri iwacu Twebwe Imana Allah, kandi ntitunaronsa nya biremwa ibibibeshaho, kiretse ku rugero rwagezwe, ruzwi.
15:22وَأَرۡسَلۡنَا ٱلرِّيَٰحَ لَوَٰقِحَ فَأَنزَلۡنَا مِنَ ٱلسَّمَآءِ مَآءٗ فَأَسۡقَيۡنَٰكُمُوهُ وَمَآ أَنتُمۡ لَهُۥ بِخَٰزِنِينَ ﴿22﴾وَأَرۡسَلۡنَا ٱلرِّيَٰحَ لَوَٰقِحَ فَأَنزَلۡنَا مِنَ ٱلسَّمَآءِ مَآءٗ فَأَسۡقَيۡنَٰكُمُوهُ وَمَآ أَنتُمۡ لَهُۥ بِخَٰزِنِينَ
Transliteration: Waarsalna alrriyaha lawaqiha faanzalna mina alssamai maan faasqaynakumoohu wama antum lahu bikhazineena
Translation: Twaranaremye umuyaga Turungika kugira ubangurire ibicu maze imvura ikagwa, ukabangurira n’ibiterwa mu gihe bishuritse, ukongera ugasunika ibicu vy’imvura aho Dushatse ko imvura igwa, gutyo Tugatuma nya mvura ivuye muri nya bicu igwa, Tukabanywesha kuri nya mazi y’imvura, mukanavomera n’indimo zanyu mukananywesha n’ibitungwa vyanyu. Iyo mvura rero, ntimushoboye namba gutuma igwa ku gihe mushakiye.
15:23وَإِنَّا لَنَحۡنُ نُحۡيِۦ وَنُمِيتُ وَنَحۡنُ ٱلۡوَٰرِثُونَ ﴿23﴾وَإِنَّا لَنَحۡنُ نُحۡيِۦ وَنُمِيتُ وَنَحۡنُ ٱلۡوَٰرِثُونَ
Transliteration: Wainna lanahnu nuhyee wanumeetu wanahnu alwarithoona
Translation: Mu vy’ukuri, ni Twebwe Allah Dushoboye gusubiza ubuzima ikiremwa mu gihe gipfuye, ni na Twebwe nyene Dushoboye kwaka ubuzima ikiremwa mu gihe isango ryo gupfa rigeze, ni na Twebwe Samuragwa w’isi n’ibiri kuri yo.
15:24وَلَقَدۡ عَلِمۡنَا ٱلۡمُسۡتَقۡدِمِينَ مِنكُمۡ وَلَقَدۡ عَلِمۡنَا ٱلۡمُسۡتَـٔۡخِرِينَ ﴿24﴾وَلَقَدۡ عَلِمۡنَا ٱلۡمُسۡتَقۡدِمِينَ مِنكُمۡ وَلَقَدۡ عَلِمۡنَا ٱلۡمُسۡتَـٔۡخِرِينَ
Transliteration: Walaqad AAalimna almustaqdimeena minkum walaqad AAalimna almustakhireena
Translation: Ni ukuri, Turazi neza na neza abamaze gupfa muri mwebwe kuva kuri Adamu, Turazi neza na neza n’abakiri bazima gushika ku musi w’iherezo ry’ibiremwa.
15:25وَإِنَّ رَبَّكَ هُوَ يَحۡشُرُهُمۡۚ إِنَّهُۥ حَكِيمٌ عَلِيمٞ ﴿25﴾وَإِنَّ رَبَّكَ هُوَ يَحۡشُرُهُمۡۚ إِنَّهُۥ حَكِيمٌ عَلِيمٞ
Transliteration: Wainna rabbaka huwa yahshuruhum innahu hakeemun AAaleemun
Translation: Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni Yo Izokwegeraniriza hamwe ibiremwa vyose kugira Ibiharurire, Yongere Inabihembe. Mu vy’ukuri, ni Yo Ntungane mu vyo Ikora; Nyenubumenyikurivyose.
15:26وَلَقَدۡ خَلَقۡنَا ٱلۡإِنسَٰنَ مِن صَلۡصَٰلٖ مِّنۡ حَمَإٖ مَّسۡنُونٖ ﴿26﴾وَلَقَدۡ خَلَقۡنَا ٱلۡإِنسَٰنَ مِن صَلۡصَٰلٖ مِّنۡ حَمَإٖ مَّسۡنُونٖ
Transliteration: Walaqad khalaqna alinsana min salsalin min hamain masnoonin
Translation: Ni ukuri, Twaremye Adamu mw’ivu ryumye rikumagana nk’ikinonko, ryahindutse ibara rikirabura, rigahindura n’akamoto.
15:27وَٱلۡجَآنَّ خَلَقۡنَٰهُ مِن قَبۡلُ مِن نَّارِ ٱلسَّمُومِ ﴿27﴾وَٱلۡجَآنَّ خَلَقۡنَٰهُ مِن قَبۡلُ مِن نَّارِ ٱلسَّمُومِ
Transliteration: Waaljanna khalaqnahu min qablu min nari alssamoomi
Translation: Na Ibilisi [321] ikaba ari na yo nkomoko y’amajini, Twayiremye mu rubeya rw’umuriro rutagira umwotsi, hari imbere y’irema rya Adamu;
15:28وَإِذۡ قَالَ رَبُّكَ لِلۡمَلَـٰٓئِكَةِ إِنِّي خَٰلِقُۢ بَشَرٗا مِّن صَلۡصَٰلٖ مِّنۡ حَمَإٖ مَّسۡنُونٖ ﴿28﴾وَإِذۡ قَالَ رَبُّكَ لِلۡمَلَـٰٓئِكَةِ إِنِّي خَٰلِقُۢ بَشَرٗا مِّن صَلۡصَٰلٖ مِّنۡ حَمَإٖ مَّسۡنُونٖ
Transliteration: Waith qala rabbuka lilmalaikati innee khaliqun basharan min salsalin min hamain masnoonin
Translation: Ntumwa y’Imana! Ibuka n’igihe Imana yawe Rurema Allah Yabwiriza abamalayika hamwe na Ibilisi Iti: “Jewe mu vy’ukuri, Ngira Ndeme umuntu mw’ivu ryumye rikumagana nk’ikinonko, ryahindutse ibara rikirabura, rigahinduka n’akamoto;
15:29فَإِذَا سَوَّيۡتُهُۥ وَنَفَخۡتُ فِيهِ مِن رُّوحِي فَقَعُواْ لَهُۥ سَٰجِدِينَ ﴿29﴾فَإِذَا سَوَّيۡتُهُۥ وَنَفَخۡتُ فِيهِ مِن رُّوحِي فَقَعُواْ لَهُۥ سَٰجِدِينَ
Transliteration: Faitha sawwaytuhu wanafakhtu feehi min roohee faqaAAoo lahu sajideena
Translation: Ninamara kumurema Nkatunganya indemo, Nkamuhuhiramwo inkomoko y’ubuzima “Roho”, muraheza muce mumwubamira, mumuhe icubahiro kimukwiye”.
15:30فَسَجَدَ ٱلۡمَلَـٰٓئِكَةُ كُلُّهُمۡ أَجۡمَعُونَ ﴿30﴾فَسَجَدَ ٱلۡمَلَـٰٓئِكَةُ كُلُّهُمۡ أَجۡمَعُونَ
Transliteration: Fasajada almalaikatu kulluhum ajmaAAoona
Translation: Abamalayika bose rero, baciye bubahiriza iryo bwirizwa baramwubamira, bamuha icubahiro kimukwiye;
15:31إِلَّآ إِبۡلِيسَ أَبَىٰٓ أَن يَكُونَ مَعَ ٱلسَّـٰجِدِينَ ﴿31﴾إِلَّآ إِبۡلِيسَ أَبَىٰٓ أَن يَكُونَ مَعَ ٱلسَّـٰجِدِينَ
Transliteration: Illa ibleesa aba an yakoona maAAa alssajideena
Translation: Ariko Ibilisi yaranse kwubamira Adamu ari kumwe n’abamalayika bamwubamiye.
15:32قَالَ يَـٰٓإِبۡلِيسُ مَا لَكَ أَلَّا تَكُونَ مَعَ ٱلسَّـٰجِدِينَ ﴿32﴾قَالَ يَـٰٓإِبۡلِيسُ مَا لَكَ أَلَّا تَكُونَ مَعَ ٱلسَّـٰجِدِينَ
Transliteration: Qala ya ibleesu ma laka alla takoona maAAa alssajideena
Translation: Imana Allah Yarabajije Ibilisi Iti: “Wafashwe n'igiki catumye utubama hamwe n’abamalayika?”.
15:33قَالَ لَمۡ أَكُن لِّأَسۡجُدَ لِبَشَرٍ خَلَقۡتَهُۥ مِن صَلۡصَٰلٖ مِّنۡ حَمَإٖ مَّسۡنُونٖ ﴿33﴾قَالَ لَمۡ أَكُن لِّأَسۡجُدَ لِبَشَرٍ خَلَقۡتَهُۥ مِن صَلۡصَٰلٖ مِّنۡ حَمَإٖ مَّسۡنُونٖ
Transliteration: Qala lam akun liasjuda libasharin khalaqtahu min salsalin min hamain masnoonin
Translation: Ibilisi yarireguye ku Mana Allah n’ubwishime n’akantu ati: “Sinshobora kwubamira umuntu Waremye mw’ivu ryumye rikumagana nk’ikinonko, ryahinduye ibara rikirabura, rigahindura n’akamoto”.
15:34قَالَ فَٱخۡرُجۡ مِنۡهَا فَإِنَّكَ رَجِيمٞ ﴿34﴾قَالَ فَٱخۡرُجۡ مِنۡهَا فَإِنَّكَ رَجِيمٞ
Transliteration: Qala faokhruj minha fainnaka rajeemun
Translation: Imana Allah Ica Ibwira Ibilisi Iti: “Kuri iyo mvo rero, va mu Bwami bw’ijuru kuko wewe mu vy’ukuri uri ikivume;
15:35وَإِنَّ عَلَيۡكَ ٱللَّعۡنَةَ إِلَىٰ يَوۡمِ ٱلدِّينِ ﴿35﴾وَإِنَّ عَلَيۡكَ ٱللَّعۡنَةَ إِلَىٰ يَوۡمِ ٱلدِّينِ
Transliteration: Wainna AAalayka allaAAnata ila yawmi alddeeni
Translation: Kandi mu vy’ukuri, ivumwe rizokwagira gushika ku musi w’impera y’ibiremwa igihe vyazutse”.
15:36قَالَ رَبِّ فَأَنظِرۡنِيٓ إِلَىٰ يَوۡمِ يُبۡعَثُونَ ﴿36﴾قَالَ رَبِّ فَأَنظِرۡنِيٓ إِلَىٰ يَوۡمِ يُبۡعَثُونَ
Transliteration: Qala rabbi faanthirnee ila yawmi yubAAathoona
Translation: Ibilisi araheza aca avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ndagusavye rero kuramba gushika ku musi w’izuka ry’ibiremwa [322]”.
15:37قَالَ فَإِنَّكَ مِنَ ٱلۡمُنظَرِينَ ﴿37﴾قَالَ فَإِنَّكَ مِنَ ٱلۡمُنظَرِينَ
Transliteration: Qala fainnaka mina almunthareena
Translation: Imana Allah Yishuye Ibilisi Iti: “Wewe mu vy’ukuri, uri mu bazoramba;
15:38إِلَىٰ يَوۡمِ ٱلۡوَقۡتِ ٱلۡمَعۡلُومِ ﴿38﴾إِلَىٰ يَوۡمِ ٱلۡوَقۡتِ ٱلۡمَعۡلُومِ
Transliteration: Ila yawmi alwaqti almaAAloomi
Translation: Gushika ku musi w’umuhero w’isi [323], si ku musi w’izuka ry’ibiremwa”.
15:39قَالَ رَبِّ بِمَآ أَغۡوَيۡتَنِي لَأُزَيِّنَنَّ لَهُمۡ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَلَأُغۡوِيَنَّهُمۡ أَجۡمَعِينَ ﴿39﴾قَالَ رَبِّ بِمَآ أَغۡوَيۡتَنِي لَأُزَيِّنَنَّ لَهُمۡ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَلَأُغۡوِيَنَّهُمۡ أَجۡمَعِينَ
Transliteration: Qala rabbi bima aghwaytanee laozayyinanna lahum fee alardi walaoghwiyannahum ajmaAAeena
Translation: Ibilisi araheza avuga n’agahigihigi ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ku kubera ukuntu Wampubishije, ni ukuri nzoryohereza uruvyaro rwa Adamu gukora ivyaha kw’isi; kandi ni ukuri, nzokwita ku rutare ndabahubishe bose inzira yawe;
15:40إِلَّا عِبَادَكَ مِنۡهُمُ ٱلۡمُخۡلَصِينَ ﴿40﴾إِلَّا عِبَادَكَ مِنۡهُمُ ٱلۡمُخۡلَصِينَ
Transliteration: Illa AAibadaka minhumu almukhlaseena
Translation: Kiretse abaja bawe Warongoye muri nya ruvyaro, bagaheza bakagutumbera mu vyo bakora vyose”.
15:41قَالَ هَٰذَا صِرَٰطٌ عَلَيَّ مُسۡتَقِيمٌ ﴿41﴾قَالَ هَٰذَا صِرَٰطٌ عَلَيَّ مُسۡتَقِيمٌ
Transliteration: Qala hatha siratun AAalayya mustaqeemun
Translation: Imana Allah Isubizayo Iti: “Ng’iyi rero inzira igana kuri Jewe, igororotse;
15:42إِنَّ عِبَادِي لَيۡسَ لَكَ عَلَيۡهِمۡ سُلۡطَٰنٌ إِلَّا مَنِ ٱتَّبَعَكَ مِنَ ٱلۡغَاوِينَ ﴿42﴾إِنَّ عِبَادِي لَيۡسَ لَكَ عَلَيۡهِمۡ سُلۡطَٰنٌ إِلَّا مَنِ ٱتَّبَعَكَ مِنَ ٱلۡغَاوِينَ
Transliteration: Inna AAibadee laysa laka AAalayhim sultanun illa mani ittabaAAaka mina alghaweena
Translation: Mu vy’ukuri abaja banje, bazontumbera mu vyo bakora vyose, nta bubasha namba uzoba ubafiseko mu kubahubisha inzira yanje; ariko uzogira ububasha bwo gutera inyoshambi abazogukurikira mu bahuvye, bakirengagiza inzira yanje;
15:43وَإِنَّ جَهَنَّمَ لَمَوۡعِدُهُمۡ أَجۡمَعِينَ ﴿43﴾وَإِنَّ جَهَنَّمَ لَمَوۡعِدُهُمۡ أَجۡمَعِينَ
Transliteration: Wainna jahannama lamawAAiduhum ajmaAAeena
Translation: Mu vy’ukuri mu muriro wa Jahannamu, ni ryo sango ry’ihuriro rya Ibilisi n’abazomukurikira bose;
15:44لَهَا سَبۡعَةُ أَبۡوَٰبٖ لِّكُلِّ بَابٖ مِّنۡهُمۡ جُزۡءٞ مَّقۡسُومٌ ﴿44﴾لَهَا سَبۡعَةُ أَبۡوَٰبٖ لِّكُلِّ بَابٖ مِّنۡهُمۡ جُزۡءٞ مَّقۡسُومٌ
Transliteration: Laha sabAAatu abwabin likulli babin minhum juzon maqsoomun
Translation: Uwo muriro rero, ufise imiryango indwi igerekeranye gushika mu nyenga zawo. Umuryango umwe wose muri yo, wagenewe umugwi kanaka mu bakurikiye Ibilisi, hisunzwe uburemere bw’ivyaha vyawo”.
15:45إِنَّ ٱلۡمُتَّقِينَ فِي جَنَّـٰتٖ وَعُيُونٍ ﴿45﴾إِنَّ ٱلۡمُتَّقِينَ فِي جَنَّـٰتٖ وَعُيُونٍ
Transliteration: Inna almuttaqeena fee jannatin waAAuyoonin
Translation: Mu vy’ukuri abagamburukiramana, bazoba bari mu mirima itotahaye, ikikijwe n’inzuzi zitemba mu Bwami bw’ijuru;
15:46ٱدۡخُلُوهَا بِسَلَٰمٍ ءَامِنِينَ ﴿46﴾ٱدۡخُلُوهَا بِسَلَٰمٍ ءَامِنِينَ
Transliteration: Odkhulooha bisalamin amineena
Translation: Bazobwirwa bati: “Nimwinjire mu Bwami bw’ijuru mw’iteka n’itekane”;
15:47وَنَزَعۡنَا مَا فِي صُدُورِهِم مِّنۡ غِلٍّ إِخۡوَٰنًا عَلَىٰ سُرُرٖ مُّتَقَٰبِلِينَ ﴿47﴾وَنَزَعۡنَا مَا فِي صُدُورِهِم مِّنۡ غِلٍّ إِخۡوَٰنًا عَلَىٰ سُرُرٖ مُّتَقَٰبِلِينَ
Transliteration: WanazaAAna ma fee sudoorihim min ghillin ikhwanan AAala sururin mutaqabileena
Translation: Tuzoheza rero Tweze imishaha yabo, ntizogira inzigo n’urwanko namba, bazoba muri nya Bwami bw’ijuru ari abavandimwe bakundana, bicaye barabana ku bitanda vy’inyegamo vy’iteka;
15:48لَا يَمَسُّهُمۡ فِيهَا نَصَبٞ وَمَا هُم مِّنۡهَا بِمُخۡرَجِينَ ﴿48﴾لَا يَمَسُّهُمۡ فِيهَا نَصَبٞ وَمَا هُم مِّنۡهَا بِمُخۡرَجِينَ
Transliteration: La yamassuhum feeha nasabun wama hum minha bimukhrajeena
Translation: Muri nya Bwami bw’ijuru rero, ntibazoruha ngo bagire ubute, eka ntibazonigera babukurwamwo.
15:49نَبِّئۡ عِبَادِيٓ أَنِّيٓ أَنَا ٱلۡغَفُورُ ٱلرَّحِيمُ ﴿49﴾۞نَبِّئۡ عِبَادِيٓ أَنِّيٓ أَنَا ٱلۡغَفُورُ ٱلرَّحِيمُ
Transliteration: Nabbi AAibadee annee ana alghafooru alrraheemu
Translation: Ntumwa y’Imana! Iganira abaja banje ko mu vy’ukuri, ari Jewe Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni banje;
15:50وَأَنَّ عَذَابِي هُوَ ٱلۡعَذَابُ ٱلۡأَلِيمُ ﴿50﴾وَأَنَّ عَذَابِي هُوَ ٱلۡعَذَابُ ٱلۡأَلِيمُ
Transliteration: Wa anna AAathabee huwa alAAathabu alaleemu
Translation: N’uko mu vy’ukuri, ibihano vyanje ari vyo bihano bibabaza.
15:51وَنَبِّئۡهُمۡ عَن ضَيۡفِ إِبۡرَٰهِيمَ ﴿51﴾وَنَبِّئۡهُمۡ عَن ضَيۡفِ إِبۡرَٰهِيمَ
Transliteration: Wanabbihum AAan dayfi ibraheema
Translation: Biganire kandi inkuru y’abashitsi mu bamalayika bigeze kugendera Ibrahimu, bakaza mw’ishusho ry’abantu;
15:52إِذۡ دَخَلُواْ عَلَيۡهِ فَقَالُواْ سَلَٰمٗا قَالَ إِنَّا مِنكُمۡ وَجِلُونَ ﴿52﴾إِذۡ دَخَلُواْ عَلَيۡهِ فَقَالُواْ سَلَٰمٗا قَالَ إِنَّا مِنكُمۡ وَجِلُونَ
Transliteration: Ith dakhaloo AAalayhi faqaloo salaman qala inna minkum wajiloona
Translation: Igihe binjira kwa Ibrahimu bagaca bamuramutsa bati: “Nimugire amahoro”, maze na we akabishura ati: “Nimusangwe ayandi”, araheza arabazimana baranka gufungura, aca ababwira ati: “Mu vy’ukuri, muraduteye impungenge!”;
15:53قَالُواْ لَا تَوۡجَلۡ إِنَّا نُبَشِّرُكَ بِغُلَٰمٍ عَلِيمٖ ﴿53﴾قَالُواْ لَا تَوۡجَلۡ إِنَّا نُبَشِّرُكَ بِغُلَٰمٍ عَلِيمٖ
Transliteration: Qaloo la tawjal inna nubashshiruka bighulamin AAaleemin
Translation: Ba bashitsi bahumuriza Ibrahimu bati: “Ntugire impungenge na gato, mu vy’ukuri, twaje kuguhumuriza mu kugushikiriza agakuru keza ko uzokwibaruka umwana w’incabwenge mw’idini yitwa Is-haka”.
15:54قَالَ أَبَشَّرۡتُمُونِي عَلَىٰٓ أَن مَّسَّنِيَ ٱلۡكِبَرُ فَبِمَ تُبَشِّرُونَ ﴿54﴾قَالَ أَبَشَّرۡتُمُونِي عَلَىٰٓ أَن مَّسَّنِيَ ٱلۡكِبَرُ فَبِمَ تُبَشِّرُونَ
Transliteration: Qala abashshartumoonee AAala an massaniya alkibaru fabima tubashshirooni
Translation: Ibrahimu aca aritangaza ati: “Mbega yemwe mumpumuriza mu kunshikiriza agakuru keza ko nzokwibaruka, kandi naramaze gusaza jewe n’umukenyezi wanje. Igitangaro kiri aho!”.
15:55قَالُواْ بَشَّرۡنَٰكَ بِٱلۡحَقِّ فَلَا تَكُن مِّنَ ٱلۡقَٰنِطِينَ ﴿55﴾قَالُواْ بَشَّرۡنَٰكَ بِٱلۡحَقِّ فَلَا تَكُن مِّنَ ٱلۡقَٰنِطِينَ
Transliteration: Qaloo bashsharnaka bialhaqqi fala takun mina alqaniteena
Translation: Ba bashitsi mu bamalayika bamwishura bati: “Burya tugushikirije agakuru keza! Iyi ni inkuru y’ukuri ivuye ku Mana yawe Allah, ntukabe rero mu bihebura ko batokwibaruka mu busaza”.
15:56قَالَ وَمَن يَقۡنَطُ مِن رَّحۡمَةِ رَبِّهِۦٓ إِلَّا ٱلضَّآلُّونَ ﴿56﴾قَالَ وَمَن يَقۡنَطُ مِن رَّحۡمَةِ رَبِّهِۦٓ إِلَّا ٱلضَّآلُّونَ
Transliteration: Qala waman yaqnatu min rahmati rabbihi illa alddalloona
Translation: Ibrahimu aca abishura ati: “Mbega ni nde yokwihebura ku mpuhwe z’Imana yiwe Rurema Allah, kiretse abahuvye inzira yayo!”.
15:57قَالَ فَمَا خَطۡبُكُمۡ أَيُّهَا ٱلۡمُرۡسَلُونَ ﴿57﴾قَالَ فَمَا خَطۡبُكُمۡ أَيُّهَا ٱلۡمُرۡسَلُونَ
Transliteration: Qala fama khatbukum ayyuha almursaloona
Translation: Ni ho rero Ibrahimu yaca ababaza ati: “None ga Ntumwa z’abamalayika! Mugenzwa n’amaki?”.
15:58قَالُوٓاْ إِنَّآ أُرۡسِلۡنَآ إِلَىٰ قَوۡمٖ مُّجۡرِمِينَ ﴿58﴾قَالُوٓاْ إِنَّآ أُرۡسِلۡنَآ إِلَىٰ قَوۡمٖ مُّجۡرِمِينَ
Transliteration: Qaloo inna orsilna ila qawmin mujrimeena
Translation: Za Ntumwa z’abamalayika ziramwishura ziti: “Twebwe mu vy’ukuri, twarungitswe n’Imana Allah kuja guhonya abantu ba Luutwi, b’abanyavyaha;
15:59إِلَّآ ءَالَ لُوطٍ إِنَّا لَمُنَجُّوهُمۡ أَجۡمَعِينَ ﴿59﴾إِلَّآ ءَالَ لُوطٍ إِنَّا لَمُنَجُّوهُمۡ أَجۡمَعِينَ
Transliteration: Illa ala lootin inna lamunajjoohum ajmaAAeena
Translation: Kiretse umuryango wa Luutwi n’abamwemeye, abo dutegerezwa kubarokora bose mu bihano;
15:60إِلَّا ٱمۡرَأَتَهُۥ قَدَّرۡنَآ إِنَّهَا لَمِنَ ٱلۡغَٰبِرِينَ ﴿60﴾إِلَّا ٱمۡرَأَتَهُۥ قَدَّرۡنَآ إِنَّهَا لَمِنَ ٱلۡغَٰبِرِينَ
Transliteration: Illa imraatahu qaddarna innaha lamina alghabireena
Translation: Havuyemwo umugore wa Luutwi kuko yaramaze guhakana. Ivyagezwe kuri we, ni uko na we nyene ari mu bahanwa”.
15:61فَلَمَّا جَآءَ ءَالَ لُوطٍ ٱلۡمُرۡسَلُونَ ﴿61﴾فَلَمَّا جَآءَ ءَالَ لُوطٍ ٱلۡمُرۡسَلُونَ
Transliteration: Falamma jaa ala lootin almursaloona
Translation: Igihe izo ntumwa z’abamalayika zishika ku muryango wa Luutwi;
15:62قَالَ إِنَّكُمۡ قَوۡمٞ مُّنكَرُونَ ﴿62﴾قَالَ إِنَّكُمۡ قَوۡمٞ مُّنكَرُونَ
Transliteration: Qala innakum qawmun munkaroona
Translation: Luutwi yazibwiye ati: “Mu vy’ukuri, sinamenye abo muri”.
15:63قَالُواْ بَلۡ جِئۡنَٰكَ بِمَا كَانُواْ فِيهِ يَمۡتَرُونَ ﴿63﴾قَالُواْ بَلۡ جِئۡنَٰكَ بِمَا كَانُواْ فِيهِ يَمۡتَرُونَ
Transliteration: Qaloo bal jinaka bima kanoo feehi yamtaroona
Translation: Za ntumwa ziramutururuza ziti: “Ntugire ubwoba namba, ahubwo twaje gushira mu ngiro ibihano ku bantu bawe bahora bahakana ko vyobashikira;
15:64وَأَتَيۡنَٰكَ بِٱلۡحَقِّ وَإِنَّا لَصَٰدِقُونَ ﴿64﴾وَأَتَيۡنَٰكَ بِٱلۡحَقِّ وَإِنَّا لَصَٰدِقُونَ
Transliteration: Waataynaka bialhaqqi wainna lasadiqoona
Translation: Twaje rero vy’ukuri iwawe, turungitswe n’Imana Allah. Kandi ni ukuri, ivyo tukwiganiye ni ivy’ukuri;
15:65فَأَسۡرِ بِأَهۡلِكَ بِقِطۡعٖ مِّنَ ٱلَّيۡلِ وَٱتَّبِعۡ أَدۡبَٰرَهُمۡ وَلَا يَلۡتَفِتۡ مِنكُمۡ أَحَدٞ وَٱمۡضُواْ حَيۡثُ تُؤۡمَرُونَ ﴿65﴾فَأَسۡرِ بِأَهۡلِكَ بِقِطۡعٖ مِّنَ ٱلَّيۡلِ وَٱتَّبِعۡ أَدۡبَٰرَهُمۡ وَلَا يَلۡتَفِتۡ مِنكُمۡ أَحَدٞ وَٱمۡضُواْ حَيۡثُ تُؤۡمَرُونَ
Transliteration: Faasri biahlika biqitAAin mina allayli waittabiAA adbarahum wala yaltafit minkum ahadun waimdoo haythu tumaroona
Translation: Kubera ivyo rero muri iri joro, urimuka wewe n’umuryango wawe hamwe n’abemeramana, maze ugende mu nyuma zabo kugira ntihagire n’umwe muri bo asigara, kandi ntihagire n’umwe muri mwebwe ahindukira ngo arabe inyuma, muheze mugende munyaragasa gushika aho mutegetswe kuba muri mu mahoro”.
15:66وَقَضَيۡنَآ إِلَيۡهِ ذَٰلِكَ ٱلۡأَمۡرَ أَنَّ دَابِرَ هَـٰٓؤُلَآءِ مَقۡطُوعٞ مُّصۡبِحِينَ ﴿66﴾وَقَضَيۡنَآ إِلَيۡهِ ذَٰلِكَ ٱلۡأَمۡرَ أَنَّ دَابِرَ هَـٰٓؤُلَآءِ مَقۡطُوعٞ مُّصۡبِحِينَ
Transliteration: Waqadayna ilayhi thalika alamra anna dabira haolai maqtooAAun musbiheena
Translation: Twebwe Allah Turaheza Duhishurira Luutwi rero ko ihonywa ry’abantu biwe yarungitsweko, riba mu mutwenzi.
15:67وَجَآءَ أَهۡلُ ٱلۡمَدِينَةِ يَسۡتَبۡشِرُونَ ﴿67﴾وَجَآءَ أَهۡلُ ٱلۡمَدِينَةِ يَسۡتَبۡشِرُونَ
Transliteration: Wajaa ahlu almadeenati yastabshiroona
Translation: Abantu bo mu gisagara ca Luutwi, aho bumviye ko kwa Luutwi haje abashitsi, baraje banezerewe ko baronse abagabo bipfuza ha kwipfuza abagore.
15:68قَالَ إِنَّ هَـٰٓؤُلَآءِ ضَيۡفِي فَلَا تَفۡضَحُونِ ﴿68﴾قَالَ إِنَّ هَـٰٓؤُلَآءِ ضَيۡفِي فَلَا تَفۡضَحُونِ
Transliteration: Qala inna haolai dayfee fala tafdahooni
Translation: Luutwi, ni ho yamama akavuga ati: “Ni ukuri, aba ni abashitsi banje, ndabinginze ntimumaramaze imbere y’abashitsi banje;
15:69وَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَلَا تُخۡزُونِ ﴿69﴾وَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَلَا تُخۡزُونِ
Transliteration: Waittaqoo Allaha wala tukhzooni
Translation: Nimutinye ibihano vy’Imana Allah, reka ntimuntetereze mu gushira isoni ku bashitsi banje”.
15:70قَالُوٓاْ أَوَلَمۡ نَنۡهَكَ عَنِ ٱلۡعَٰلَمِينَ ﴿70﴾قَالُوٓاْ أَوَلَمۡ نَنۡهَكَ عَنِ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Transliteration: Qaloo awalam nanhaka AAani alAAalameena
Translation: Ba bantu baraheza babwira Luutwi bamushinyaguriza bati: “Ntitwakubujije kwakira abantu b’ingenz i[324]”.
15:71قَالَ هَـٰٓؤُلَآءِ بَنَاتِيٓ إِن كُنتُمۡ فَٰعِلِينَ ﴿71﴾قَالَ هَـٰٓؤُلَآءِ بَنَاتِيٓ إِن كُنتُمۡ فَٰعِلِينَ
Transliteration: Qala haolai banatee in kuntum faAAileena
Translation: Luutwi aca arabiyama ababwira ati: “Ng’aba abakobwa banje [325] ndababashingiye nimwaba mushaka kwabira ha kwipfuza abagabo!
15:72لَعَمۡرُكَ إِنَّهُمۡ لَفِي سَكۡرَتِهِمۡ يَعۡمَهُونَ ﴿72﴾لَعَمۡرُكَ إِنَّهُمۡ لَفِي سَكۡرَتِهِمۡ يَعۡمَهُونَ
Transliteration: LaAAamruka innahum lafee sakratihim yaAAmahoona
Translation: Ntumwa y’Imana! Ndarahiye ku cubahiro c’ubuzima bwawe [326] ko abantu barungikiwe Luutwi, bari baragoswe bakaguma bajuragirika;
15:73فَأَخَذَتۡهُمُ ٱلصَّيۡحَةُ مُشۡرِقِينَ ﴿73﴾فَأَخَذَتۡهُمُ ٱلصَّيۡحَةُ مُشۡرِقِينَ
Transliteration: Faakhathathumu alssayhatu mushriqeena
Translation: Gushika n’aho bahitanwa mu bucagucagu n’ibihano bihonya.
15:74فَجَعَلۡنَا عَٰلِيَهَا سَافِلَهَا وَأَمۡطَرۡنَا عَلَيۡهِمۡ حِجَارَةٗ مِّن سِجِّيلٍ ﴿74﴾فَجَعَلۡنَا عَٰلِيَهَا سَافِلَهَا وَأَمۡطَرۡنَا عَلَيۡهِمۡ حِجَارَةٗ مِّن سِجِّيلٍ
Transliteration: FajaAAalna AAaliyaha safilaha waamtarna AAalayhim hijaratan min sijjeelin
Translation: Ni ho rero Twebwe Allah, Twabubikako isi y’aho baba, hejuru haja mu kuzimu, Duca Tuhacucagira amabuye ahiye y’urutavanako.
15:75إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٖ لِّلۡمُتَوَسِّمِينَ ﴿75﴾إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٖ لِّلۡمُتَوَسِّمِينَ
Transliteration: Inna fee thalika laayatin lilmutawassimeena
Translation: Ni ukuri muri iryo hona ryabo, harimwo ivyemezo vyotuma abantu biyumvira bakikebuka;
15:76وَإِنَّهَا لَبِسَبِيلٖ مُّقِيمٍ ﴿76﴾وَإِنَّهَا لَبِسَبِيلٖ مُّقِيمٍ
Transliteration: Wainnaha labisabeelin muqeemin
Translation: Mu vy’ukuri, igisagara cabo kiri ku nzira irengana kuri bose, abahaca barashobora kubona nya gisagara.
15:77إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةٗ لِّلۡمُؤۡمِنِينَ ﴿77﴾إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةٗ لِّلۡمُؤۡمِنِينَ
Transliteration: Inna fee thalika laayatan lilmumineena
Translation: Ni ukuri muri iryo hona ryabo, harimwo ivyemezo bigaragaza ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah ku bemeramana bubahiriza amabwirizwa yayo.
15:78وَإِن كَانَ أَصۡحَٰبُ ٱلۡأَيۡكَةِ لَظَٰلِمِينَ ﴿78﴾وَإِن كَانَ أَصۡحَٰبُ ٱلۡأَيۡكَةِ لَظَٰلِمِينَ
Transliteration: Wain kana ashabu alaykati lathalimeena
Translation: Ni ukuri, abantu bo mu gisagara c’ibiti bitotahaye, barirenganije mu kugarariza Imana Allah n’Intumwa yayo Shu’ayibu;
15:79فَٱنتَقَمۡنَا مِنۡهُمۡ وَإِنَّهُمَا لَبِإِمَامٖ مُّبِينٖ ﴿79﴾فَٱنتَقَمۡنَا مِنۡهُمۡ وَإِنَّهُمَا لَبِإِمَامٖ مُّبِينٖ
Transliteration: Faintaqamna minhum wainnahuma labiimamin mubeenin
Translation: Duca Turabibahora mu kubahanisha nyamugigima. Kukaba nkako, burya ibisagara vy’abantu barungikiwe Luutwi n’abarungikiwe Shu’ayibu, vyompi biri ku nzira y’aho abantu baca, boheza bakahatorera icigwa bakikebuka.
15:80وَلَقَدۡ كَذَّبَ أَصۡحَٰبُ ٱلۡحِجۡرِ ٱلۡمُرۡسَلِينَ ﴿80﴾وَلَقَدۡ كَذَّبَ أَصۡحَٰبُ ٱلۡحِجۡرِ ٱلۡمُرۡسَلِينَ
Transliteration: Walaqad kaththaba ashabu alhijri almursaleena
Translation: Ni ukuri Abanyahijiri[327], baragararije Intumwa zose[328] mu kugarariza Intumwa Swalehe (nyakugira amahoro y’Imana Allah).
15:81وَءَاتَيۡنَٰهُمۡ ءَايَٰتِنَا فَكَانُواْ عَنۡهَا مُعۡرِضِينَ ﴿81﴾وَءَاتَيۡنَٰهُمۡ ءَايَٰتِنَا فَكَانُواْ عَنۡهَا مُعۡرِضِينَ
Transliteration: Waataynahum ayatina fakanoo AAanha muAArideena
Translation: Twabarungikiye ivyemezo [329] vyerekana ukuri kw’Intumwa Swalehe (nyakugira amahoro y’Imana Allah), maze baravyirengagiza.
15:82وَكَانُواْ يَنۡحِتُونَ مِنَ ٱلۡجِبَالِ بُيُوتًا ءَامِنِينَ ﴿82﴾وَكَانُواْ يَنۡحِتُونَ مِنَ ٱلۡجِبَالِ بُيُوتًا ءَامِنِينَ
Transliteration: Wakanoo yanhitoona mina aljibali buyootan amineena
Translation: Abanyahijiri bahora babaza inzu babamwo mu misozi, batekaniwe ko nya nzu zitobasenyukirako.
15:83فَأَخَذَتۡهُمُ ٱلصَّيۡحَةُ مُصۡبِحِينَ ﴿83﴾فَأَخَذَتۡهُمُ ٱلصَّيۡحَةُ مُصۡبِحِينَ
Transliteration: Faakhathathumu alssayhatu musbiheena
Translation: Ni ho bahitanwa mu mutwenzi n’ibihano bihonya;
15:84فَمَآ أَغۡنَىٰ عَنۡهُم مَّا كَانُواْ يَكۡسِبُونَ ﴿84﴾فَمَآ أَغۡنَىٰ عَنۡهُم مَّا كَانُواْ يَكۡسِبُونَ
Transliteration: Fama aghna AAanhum ma kanoo yaksiboona
Translation: Amatungo n’inkomezi hamwe n’inyubakwa vyabo, ntivyabakingiye guhitanwa n’ibihano bihonya vy’Imana Allah.
15:85وَمَا خَلَقۡنَا ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ وَمَا بَيۡنَهُمَآ إِلَّا بِٱلۡحَقِّۗ وَإِنَّ ٱلسَّاعَةَ لَأٓتِيَةٞۖ فَٱصۡفَحِ ٱلصَّفۡحَ ٱلۡجَمِيلَ ﴿85﴾وَمَا خَلَقۡنَا ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ وَمَا بَيۡنَهُمَآ إِلَّا بِٱلۡحَقِّۗ وَإِنَّ ٱلسَّاعَةَ لَأٓتِيَةٞۖ فَٱصۡفَحِ ٱلصَّفۡحَ ٱلۡجَمِيلَ
Transliteration: Wama khalaqna alssamawati waalarda wama baynahuma illa bialhaqqi wainna alssaAAata laatiyatun faisfahi alssafha aljameela
Translation: Twebwe Allah, ntitwaremye amajuru n’isi hamwe n’ibiri hagati yavyo, kiretse ko Twabiremye mu kuri, kugira mumenye ko hariho Imana Rurema Allah, muheze muyisenge ari Imwe Rudende. Ni ukuri, igihe c’umuhero w’isi vuba bwango kirashika, kugira umuntu wese ahemberwe ivyo yakoze. Ntumwa y’Imana! Kubera ivyo rero, birabishe amaso wirengagize ibangamira ry’ababangikanyamana, ukwirengagiza kuzira umwidogo.
15:86إِنَّ رَبَّكَ هُوَ ٱلۡخَلَّـٰقُ ٱلۡعَلِيمُ ﴿86﴾إِنَّ رَبَّكَ هُوَ ٱلۡخَلَّـٰقُ ٱلۡعَلِيمُ
Transliteration: Inna rabbaka huwa alkhallaqu alAAaleemu
Translation: Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni Yo Nyenukurema Yaremye ikintu ico ari co cose, Nyenubumenyikurivyose.
15:87وَلَقَدۡ ءَاتَيۡنَٰكَ سَبۡعٗا مِّنَ ٱلۡمَثَانِي وَٱلۡقُرۡءَانَ ٱلۡعَظِيمَ ﴿87﴾وَلَقَدۡ ءَاتَيۡنَٰكَ سَبۡعٗا مِّنَ ٱلۡمَثَانِي وَٱلۡقُرۡءَانَ ٱلۡعَظِيمَ
Transliteration: Walaqad ataynaka sabAAan mina almathanee waalqurana alAAatheema
Translation: Muvugishwamana! Ni ukuri, Twaraguhaye igisomwa c’intango “Al-Faatiha”, kigizwe na Aayah indwi zisomwa mu cunamo c’isengesho iryo ari ryo ryose, Twaranaguhaye Qor’ani ntagatifu.
15:88لَا تَمُدَّنَّ عَيۡنَيۡكَ إِلَىٰ مَا مَتَّعۡنَا بِهِۦٓ أَزۡوَٰجٗا مِّنۡهُمۡ وَلَا تَحۡزَنۡ عَلَيۡهِمۡ وَٱخۡفِضۡ جَنَاحَكَ لِلۡمُؤۡمِنِينَ ﴿88﴾لَا تَمُدَّنَّ عَيۡنَيۡكَ إِلَىٰ مَا مَتَّعۡنَا بِهِۦٓ أَزۡوَٰجٗا مِّنۡهُمۡ وَلَا تَحۡزَنۡ عَلَيۡهِمۡ وَٱخۡفِضۡ جَنَاحَكَ لِلۡمُؤۡمِنِينَ
Transliteration: La tamuddanna AAaynayka ila ma mattaAAna bihi azwajan minhum wala tahzan AAalayhim waikhfid janahaka lilmumineena
Translation: Ntumwa y'Imana! Ntukarabe wipfuza ivyo Twahaye bamwe mu bagarariji mu bihendamaso vy’isi; kandi ntugatuntuzwe n’igarariza ryabo, uraheza gusa wicishe bugufi ku bemeramana;
15:89وَقُلۡ إِنِّيٓ أَنَا ٱلنَّذِيرُ ٱلۡمُبِينُ ﴿89﴾وَقُلۡ إِنِّيٓ أَنَا ٱلنَّذِيرُ ٱلۡمُبِينُ
Transliteration: Waqul innee ana alnnatheeru almubeenu
Translation: Unavuge uti: “Mu vy’ukuri jewe, ndi Umugabisha atomoye ku bihano vy’Imana Allah, ko vyobashikira mu gihe mwogarariza;
15:90كَمَآ أَنزَلۡنَا عَلَى ٱلۡمُقۡتَسِمِينَ ﴿90﴾كَمَآ أَنزَلۡنَا عَلَى ٱلۡمُقۡتَسِمِينَ
Transliteration: Kama anzalna AAala almuqtasimeena
Translation: Imana Allah Irabagabisha ku bihano Iti: “Nk’uko Twebwe Allah Twamanuriye ibihano abaciyemwo Qor’ani imice, bakemera bimwe bagahakana ibindi [330], ni ko Tuzohana n’abandi”;
15:91ٱلَّذِينَ جَعَلُواْ ٱلۡقُرۡءَانَ عِضِينَ ﴿91﴾ٱلَّذِينَ جَعَلُواْ ٱلۡقُرۡءَانَ عِضِينَ
Transliteration: Allatheena jaAAaloo alqurana AAideena
Translation: Abafashe Qor’ani bakayicamwo imice kugira ngo baburagize abantu kuyemera, mu kuvuga ko ari uburozi bwigendera, abandi na bo ngo ni amangetengete".
15:92فَوَرَبِّكَ لَنَسۡـَٔلَنَّهُمۡ أَجۡمَعِينَ ﴿92﴾فَوَرَبِّكَ لَنَسۡـَٔلَنَّهُمۡ أَجۡمَعِينَ
Transliteration: Fawarabbika lanasalannahum ajmaAAeena
Translation: Kubera ivyo vyose rero, Jewe Allah Ndarahiye kw’izina ry’Imana yawe Rurema, ko Twebwe Allah Tuzobaharurira ku musi w’izuka, Duheze Tubahembe bose;
15:93عَمَّا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ ﴿93﴾عَمَّا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ
Transliteration: AAamma kanoo yaAAmaloona
Translation: Tubahembere ivyo bakoze kw’isi mu gucamwo Qor’ani imice, hamwe n’ibindi vyaha bakoze mu gusenga ibintazi.
15:94فَٱصۡدَعۡ بِمَا تُؤۡمَرُ وَأَعۡرِضۡ عَنِ ٱلۡمُشۡرِكِينَ ﴿94﴾فَٱصۡدَعۡ بِمَا تُؤۡمَرُ وَأَعۡرِضۡ عَنِ ٱلۡمُشۡرِكِينَ
Transliteration: FaisdaAA bima tumaru waaAArid AAani almushrikeena
Translation: Ntumwa y'Imana! Rarikira rero abantu ku mugaragaro, ko bokurikira ukuri wategetswe n’Imana Allah, maze ubarabishe amaso wirengagize ibangamira ry’ababangikanyamana;
15:95إِنَّا كَفَيۡنَٰكَ ٱلۡمُسۡتَهۡزِءِينَ ﴿95﴾إِنَّا كَفَيۡنَٰكَ ٱلۡمُسۡتَهۡزِءِينَ
Transliteration: Inna kafaynaka almustahzieena
Translation: Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twaramaze kugukingira ibangamira ry’abatebura kuri Qor’ani;
15:96ٱلَّذِينَ يَجۡعَلُونَ مَعَ ٱللَّهِ إِلَٰهًا ءَاخَرَۚ فَسَوۡفَ يَعۡلَمُونَ ﴿96﴾ٱلَّذِينَ يَجۡعَلُونَ مَعَ ٱللَّهِ إِلَٰهًا ءَاخَرَۚ فَسَوۡفَ يَعۡلَمُونَ
Transliteration: Allatheena yajAAaloona maAAa Allahi ilahan akhara fasawfa yaAAlamoona
Translation: Ababangikanya Imana Allah mu gusenga ibigirwamana, bitebe bitebuke bazomenya iherezo ribi ry’ivyo bakoze.
15:97وَلَقَدۡ نَعۡلَمُ أَنَّكَ يَضِيقُ صَدۡرُكَ بِمَا يَقُولُونَ ﴿97﴾وَلَقَدۡ نَعۡلَمُ أَنَّكَ يَضِيقُ صَدۡرُكَ بِمَا يَقُولُونَ
Transliteration: Walaqad naAAlamu annaka yadeequ sadruka bima yaqooloona
Translation: Ntumwa y’Imana! Ni ukuri, Turazi neza ko utuntujwe n’ivyo bavuga mu kukurwanya.
15:98فَسَبِّحۡ بِحَمۡدِ رَبِّكَ وَكُن مِّنَ ٱلسَّـٰجِدِينَ ﴿98﴾فَسَبِّحۡ بِحَمۡدِ رَبِّكَ وَكُن مِّنَ ٱلسَّـٰجِدِينَ
Transliteration: Fasabbih bihamdi rabbika wakun mina alssajideena
Translation: Ku kugira uremururire umushaha rero, ninahaza Imana yawe Rurema Allah mu kuyishimagiza, wongere ube mu bayubamira mu gusenga;
15:99وَٱعۡبُدۡ رَبَّكَ حَتَّىٰ يَأۡتِيَكَ ٱلۡيَقِينُ ﴿99﴾وَٱعۡبُدۡ رَبَّكَ حَتَّىٰ يَأۡتِيَكَ ٱلۡيَقِينُ
Transliteration: WaoAAbud rabbaka hatta yatiyaka alyaqeenu
Translation: Uheze ushishikare kwiyegereza Imana yawe Rurema Allah mu vyo ukora vyose, unayisenga ubuzima bwawe bwose, gushika umusi wawe wo gupfa.
Transliteration source: English Transliteration by Tanzil. Used under Tanzil's non-commercial terms; see the source and latest updates at Tanzil. Tanzil translation download