quranm◉

Surah Ash-Shu'ara transliteration

◉ Sura · ∞

26:1

طسٓمٓ ﴿1﴾

Transliteration: Taseenmeem

Translation: Twaa Siin Miim[1].

26:2

تِلۡكَ ءَايَٰتُ ٱلۡكِتَٰبِ ٱلۡمُبِينِ ﴿2﴾

Transliteration: Tilka ayatu alkitabi almubeeni

Translation: Izi, ni Aayah z’Igitabu Qor’ani gitomoye neza; mu nsiguro, mu ngingo z’ibirekuwe n’ibizira, no mu burongozi bwaco.

26:3

لَعَلَّكَ بَٰخِعٞ نَّفۡسَكَ أَلَّا يَكُونُواْ مُؤۡمِنِينَ ﴿3﴾

Transliteration: LaAAallaka bakhiAAun nafsaka alla yakoonoo mumineena

Translation: Ntumwa y’Imana! Biragaragara ko utuntuzwa umutima n’uko abantu bataraba abemeramana ngo bagukurikire, mpore ntugatunture ku mutima!

26:4

إِن نَّشَأۡ نُنَزِّلۡ عَلَيۡهِم مِّنَ ٱلسَّمَآءِ ءَايَةٗ فَظَلَّتۡ أَعۡنَٰقُهُمۡ لَهَا خَٰضِعِينَ ﴿4﴾

Transliteration: In nasha nunazzil AAalayhim mina alssamai ayatan fathallat aAAnaquhum laha khadiAAeena

Translation: Twebwe Allah, Dushatse Twomanurira abaguhakana bivuye inyuma mu bantu warungitsweko, igitangaro kivuye mw’ijuru cotuma bemera ku nabi ku neza, maze bakama bicishije bugufi, ariko rero ntitwashatse ko biba ukwo, kuko ukwemera Imana Allah nya kwemera kuba ku bushake ata gahato kagiyemwo.

26:5

وَمَا يَأۡتِيهِم مِّن ذِكۡرٖ مِّنَ ٱلرَّحۡمَٰنِ مُحۡدَثٍ إِلَّا كَانُواْ عَنۡهُ مُعۡرِضِينَ ﴿5﴾

Transliteration: Wama yateehim min thikrin mina alrrahmani muhdathin illa kanoo AAanhu muAArideena

Translation: Ababangikanyamana, ntibigera bashikirwa n’inkebuzo nshasha ivuye kwa Nyenimpuhwe Allah, ibabwiriza ivyo bakora n’ivyo bareka mu kwubahiriza idini ry’ukuri, kiretse ko birengagiza nya nkebuzo, bakayihakana bivuye inyuma, bakanayamirira kure.

26:6

فَقَدۡ كَذَّبُواْ فَسَيَأۡتِيهِمۡ أَنۢبَـٰٓؤُاْ مَا كَانُواْ بِهِۦ يَسۡتَهۡزِءُونَ ﴿6﴾

Transliteration: Faqad kaththaboo fasayateehim anbao ma kanoo bihi yastahzioona

Translation: Ni ukuri, ababangikanyamana barahakanye Qor’ani baranayiteburako. Kubera ivyo rero, bitebe bitebuke, bazoshikirwa n’ukuri kw’inkuru z’ivyo bateburako, maze bahanwe.

26:7

أَوَلَمۡ يَرَوۡاْ إِلَى ٱلۡأَرۡضِ كَمۡ أَنۢبَتۡنَا فِيهَا مِن كُلِّ زَوۡجٖ كَرِيمٍ ﴿7﴾

Transliteration: Awalam yaraw ila alardi kam anbatna feeha min kulli zawjin kareemin

Translation: Mbega ntibaraba isi ngo babone ukuntu Twayinagishijeko ibimera vyinshi ngirakamaro, biri mu bwoko bwose bw’ibiterwa n'ivyimeza, ata wushoboye kubinagisha atari Imana Allah!

26:8

إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةٗۖ وَمَا كَانَ أَكۡثَرُهُم مُّؤۡمِنِينَ ﴿8﴾

Transliteration: Inna fee thalika laayatan wama kana aktharuhum mumineena

Translation: Mu vy’ukuri mw’inagishwa ry’ivyo vyose, ni ukuri harimwo icemezo cerekana ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah, burya abenshi mu bantu, si abemeramana namba;

26:9

وَإِنَّ رَبَّكَ لَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلرَّحِيمُ ﴿9﴾

Transliteration: Wainna rabbaka lahuwa alAAazeezu alrraheemu

Translation: Kandi mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni ukuri, ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo.

26:10

وَإِذۡ نَادَىٰ رَبُّكَ مُوسَىٰٓ أَنِ ٱئۡتِ ٱلۡقَوۡمَ ٱلظَّـٰلِمِينَ ﴿10﴾

Transliteration: Waith nada rabbuka moosa ani iti alqawma alththalimeena

Translation: Ntumwa y’Imana! Cira agace abo warungitsweko ku nkuru ya Musa, igihe Imana yawe Rurema Allah Yahamagara Musa Iti: “Genda ku bantu birenganije;

26:11

قَوۡمَ فِرۡعَوۡنَۚ أَلَا يَتَّقُونَ ﴿11﴾

Transliteration: Qawma firAAawna ala yattaqoona

Translation: Abantu ba Firawuni, maze ubararikire kugamburukira Imana Allah mu gushira mu ngiro amabwirizwa yayo”.

26:12

قَالَ رَبِّ إِنِّيٓ أَخَافُ أَن يُكَذِّبُونِ ﴿12﴾

Transliteration: Qala rabbi innee akhafu an yukaththibooni

Translation: Musa yavuze ati: “Mana yanje Rurema Allah! Jewe ndafise impungenge ko bohakana bivuye inyuma ubutumwa ndabazaniye;

26:13

وَيَضِيقُ صَدۡرِي وَلَا يَنطَلِقُ لِسَانِي فَأَرۡسِلۡ إِلَىٰ هَٰرُونَ ﴿13﴾

Transliteration: Wayadeequ sadree wala yantaliqu lisanee faarsil ila haroona

Translation: Ngatuntuzwa n’uko bangararije, kandi n’ururimi rwanje ntirutomora bikwiye, ndagusavye rero Uhe ubutumwa murumunanje Haruna kugira anshigikire, yongere anyunganire mu kubumvisha ubutumwa nzoba ndabashikirije;

26:14

وَلَهُمۡ عَلَيَّ ذَنۢبٞ فَأَخَافُ أَن يَقۡتُلُونِ ﴿14﴾

Transliteration: Walahum AAalayya thanbun faakhafu an yaqtulooni

Translation: Hari n’igicumuro nabakoreye co kwica umuntu mu Banyagiputa, ndatinya rero ko boca bamwihorera, bakanyica”.

26:15

قَالَ كَلَّاۖ فَٱذۡهَبَا بِـَٔايَٰتِنَآۖ إِنَّا مَعَكُم مُّسۡتَمِعُونَ ﴿15﴾

Transliteration: Qala kalla faithhaba biayatina inna maAAakum mustamiAAoona

Translation: Imana Allah Yabwiye Musa Iti: “Ihibambewe! Tekana nta co bazokugira. Na murumunawe Haruna Tumugize Intumwa, nimugende rero uko muri babiri mwitwaje ibitangaro vyacu Twebwe Allah, vyerekana ukuri kwanyu; mu vy’ukuri, Turi kumwe na mwe ku bumenyi bwacu no mu kubabungabunga, Turumviriza n’ivyo mushikiriza;

26:16

فَأۡتِيَا فِرۡعَوۡنَ فَقُولَآ إِنَّا رَسُولُ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ ﴿16﴾

Transliteration: Fatiya firAAawna faqoola inna rasoolu rabbi alAAalameena

Translation: Enda nyabuna rero, nimugende kwa Firawuni, maze mumubwire muti: “Twebwe mu vy’ukuri, turi Intumwa zirungitswe n’Imana yawe Rurema Allah kuri wewe no ku bantu bawe;

26:17

أَنۡ أَرۡسِلۡ مَعَنَا بَنِيٓ إِسۡرَـٰٓءِيلَ ﴿17﴾

Transliteration: An arsil maAAana banee israeela

Translation: Ko wobohora Bene Israyeli ukareka kubacinyiza, tugaheza rero tukabarongora mu nzira y’Imana Allah, bakadukurikira””.

26:18

قَالَ أَلَمۡ نُرَبِّكَ فِينَا وَلِيدٗا وَلَبِثۡتَ فِينَا مِنۡ عُمُرِكَ سِنِينَ ﴿18﴾

Transliteration: Qala alam nurabbika feena waleedan walabithta feena min AAumurika sineena

Translation: Firawuni yishuye Musa n’agashinyaguro n'akantu ati: “Mbega uribagiye ko twakurereye ng’aha kuva ukiri uruyoya, uraheza ubana na twe imyaka n’iyindi!

26:19

وَفَعَلۡتَ فَعۡلَتَكَ ٱلَّتِي فَعَلۡتَ وَأَنتَ مِنَ ٱلۡكَٰفِرِينَ ﴿19﴾

Transliteration: WafaAAalta faAAlataka allatee faAAalta waanta mina alkafireena

Translation: Uraheza ukora igicumuro co kwica Umunyagiputa igihe winamura umukubita igipfunsi, aca ararambarara! Ako, ni ko gashimwe wampaye ku ciza nagukoreye co kukurera!”.

26:20

قَالَ فَعَلۡتُهَآ إِذٗا وَأَنَا۠ مِنَ ٱلضَّآلِّينَ ﴿20﴾

Transliteration: Qala faAAaltuha ithan waana mina alddalleena

Translation: Musa araheza yishura Firawuni ati: “Nimba ico gicumuro naragikoze, sinari bwahishurirwe kuba Intumwa!

26:21

فَفَرَرۡتُ مِنكُمۡ لَمَّا خِفۡتُكُمۡ فَوَهَبَ لِي رَبِّي حُكۡمٗا وَجَعَلَنِي مِنَ ٱلۡمُرۡسَلِينَ ﴿21﴾

Transliteration: Fafarartu minkum lamma khiftukum fawahaba lee rabbee hukman wajaAAalanee mina almursaleena

Translation: Ni naho nata nkomoka mpungira i Madiyana, ku gutinya ko mwonyica mwihorera Umunyagiputa wanyu nishe kw’isanganya; mu nyuma, Imana yanje Rurema Allah Yahavuye Impa ubutumwa n’ubumenyi, maze Ingira Intumwa mu zindi;

26:22

وَتِلۡكَ نِعۡمَةٞ تَمُنُّهَا عَلَيَّ أَنۡ عَبَّدتَّ بَنِيٓ إِسۡرَـٰٓءِيلَ ﴿22﴾

Transliteration: Watilka niAAmatun tamunnuha AAalayya an AAabbadta banee israeela

Translation: Iryo rererwa ryanje iwawe na ryo unshinyagurizako, ryabaye kugira ngo ubandanye ucura bufuni na buhoro Bene Israyeli!”.

26:23

قَالَ فِرۡعَوۡنُ وَمَا رَبُّ ٱلۡعَٰلَمِينَ ﴿23﴾

Transliteration: Qala firAAawnu wama rabbu alAAalameena

Translation: Firawuni yahavuye abaza Musa ati: “Imana Rurema w’ibiremwa vyose Yakurungitse, ni igiki?”.

26:24

قَالَ رَبُّ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَمَا بَيۡنَهُمَآۖ إِن كُنتُم مُّوقِنِينَ ﴿24﴾

Transliteration: Qala rabbu alssamawati waalardi wama baynahuma in kuntum mooqineena

Translation: Musa yavuze yishura Firawuni ati: “Ni Imana Rurema, Umubungabunzi w’amajuru n’isi hamwe n’ibiri hagati yavyo; nimwaba rero muzi neza ivyo, nimuyemere”.

26:25

قَالَ لِمَنۡ حَوۡلَهُۥٓ أَلَا تَسۡتَمِعُونَ ﴿25﴾

Transliteration: Qala liman hawlahu ala tastamiAAoona

Translation: Firawuni arinamura abwira abubahwa bari ng’aho bamukikije ati: “Muranyumvira ako kamaramaza ka Musa, aho yubahuka akavuga ko hari iyindi mana atari jewe!”.

26:26

قَالَ رَبُّكُمۡ وَرَبُّ ءَابَآئِكُمُ ٱلۡأَوَّلِينَ ﴿26﴾

Transliteration: Qala rabbukum warabbu abaikumu alawwaleena

Translation: Musa yarongeye avuga kandi ati: “Imana ndabararikira kwemera, ni Imana yanyu Rurema Allah Yabaremye, Ikanarema ba so mukomokako”.

26:27

قَالَ إِنَّ رَسُولَكُمُ ٱلَّذِيٓ أُرۡسِلَ إِلَيۡكُمۡ لَمَجۡنُونٞ ﴿27﴾

Transliteration: Qala inna rasoolakumu allathee orsila ilaykum lamajnoonun

Translation: Firawuni n’ishavu n’akantu asubizayo anebagura Musa ati: “Mu vy’ukuri Intumwa yanyu mwarungikiwe, ni ukuri, ni umusazi, ivuga ibitaroranye namba”.

26:28

قَالَ رَبُّ ٱلۡمَشۡرِقِ وَٱلۡمَغۡرِبِ وَمَا بَيۡنَهُمَآۖ إِن كُنتُمۡ تَعۡقِلُونَ ﴿28﴾

Transliteration: Qala rabbu almashriqi waalmaghribi wama baynahuma in kuntum taAAqiloona

Translation: Musa arongera ati: “Imana ndabararikira kwemera, ni Imana Rurema Yaremye ubuseruko n’uburengero hamwe n’ibiri hagati yavyo; Irema n’umuco n’umuzimagiza. Ivyo rero, bikaba ari ivyemezo vy’uko ari Yo Ikwiye kwemerwa no gusengwa ari Imwe Rudende nimwaba mutegera neza ububasha bwayo”.

26:29

قَالَ لَئِنِ ٱتَّخَذۡتَ إِلَٰهًا غَيۡرِي لَأَجۡعَلَنَّكَ مِنَ ٱلۡمَسۡجُونِينَ ﴿29﴾

Transliteration: Qala laini ittakhathta ilahan ghayree laajAAalannaka mina almasjooneena

Translation: Firawuni aca avuga n’iterabwoba n’akantu yihaniza Musa ati: “Niwigenera Iyindi Mana atari jewe, ni ukuri ntegerezwa kuguta mw’ibohero hamwe n’abandi”.

26:30

قَالَ أَوَلَوۡ جِئۡتُكَ بِشَيۡءٖ مُّبِينٖ ﴿30﴾

Transliteration: Qala awalaw jituka bishayin mubeenin

Translation: Musa asubizayo ati: “Mbega uraheza unte mw’ibohero hamwe n’abandi, n’aho nokuzanira icemezo gitomoye ko ndi mu kuri!”.

26:31

قَالَ فَأۡتِ بِهِۦٓ إِن كُنتَ مِنَ ٱلصَّـٰدِقِينَ ﴿31﴾

Transliteration: Qala fati bihi in kunta mina alssadiqeena

Translation: Firawuni aca asaba Musa ko yozana icemezo ati: “Enda nyabuna rero, zana ico cemezo ku vyo uvuga niwaba uri mu mvugakuri ko uri Intumwa vy’ukuri”.

26:32

فَأَلۡقَىٰ عَصَاهُ فَإِذَا هِيَ ثُعۡبَانٞ مُّبِينٞ ﴿32﴾

Transliteration: Faalqa AAasahu faitha hiya thuAAbanun mubeenun

Translation: Ni ho rero Musa yaterera inkoni yiwe hasi, ica ihinduka inzoka amahanga yigendera, abantu birabira;

26:33

وَنَزَعَ يَدَهُۥ فَإِذَا هِيَ بَيۡضَآءُ لِلنَّـٰظِرِينَ ﴿33﴾

Transliteration: WanazaAAa yadahu faitha hiya baydao lilnnathireena

Translation: Araheza kandi ashira ikiganza ciwe mu kwaha, agize ngo aragikuyeyo, caje cererana gisayangana cane abari ng’aho birabira, barumirwa.

26:34

قَالَ لِلۡمَلَإِ حَوۡلَهُۥٓ إِنَّ هَٰذَا لَسَٰحِرٌ عَلِيمٞ ﴿34﴾

Transliteration: Qala lilmalai hawlahu inna hatha lasahirun AAaleemun

Translation: Firawuni aca agira impungenge z’uko abunganizi bari ng’aho bamukikije, bohava banyurwa bakemera, araheza ababwira ati: “Mu vy’ukuri, Musa nta nkeka ko ari umukonikoni karuhariwe;

26:35

يُرِيدُ أَن يُخۡرِجَكُم مِّنۡ أَرۡضِكُم بِسِحۡرِهِۦ فَمَاذَا تَأۡمُرُونَ ﴿35﴾

Transliteration: Yureedu an yukhrijakum min ardikum bisihrihi famatha tamuroona

Translation: Ashaka kubomora mwese abakure mu gihugu canyu akoresheje ubukonikoni bwiwe, none rero mumpanuye ko nokora iki?”.

26:36

قَالُوٓاْ أَرۡجِهۡ وَأَخَاهُ وَٱبۡعَثۡ فِي ٱلۡمَدَآئِنِ حَٰشِرِينَ ﴿36﴾

Transliteration: Qaloo arjih waakhahu waibAAath fee almadaini hashireena

Translation: Abunganizi bari hambavu ya Firawuni bavuze bamuhanura bati: “Musa na murumunawe Haruna, bahe irindi sango ryo guhurirako, maze utume abararika abantu mu bisagara vyose vyo muri Misiri;

26:37

يَأۡتُوكَ بِكُلِّ سَحَّارٍ عَلِيمٖ ﴿37﴾

Transliteration: Yatooka bikulli sahharin AAaleemin

Translation: Baheze begeranye zina mukonikoni wese karuhariwe, bamukuzanire”.

26:38

فَجُمِعَ ٱلسَّحَرَةُ لِمِيقَٰتِ يَوۡمٖ مَّعۡلُومٖ ﴿38﴾

Transliteration: FajumiAAa alssaharatu limeeqati yawmin maAAloomin

Translation: Ni ho rero abakonikoni bose bakoranirizwa hamwe ku musi w’isango nyezina[2];

26:39

وَقِيلَ لِلنَّاسِ هَلۡ أَنتُم مُّجۡتَمِعُونَ ﴿39﴾

Transliteration: Waqeela lilnnasi hal antum mujtamiAAoona

Translation: Abararitsi baraheza bararika abantu bati: “Nyabuna nyabuna nimwitabire ikoraniro ku bwinshi kugira mushigikire abakonikoni!

26:40

لَعَلَّنَا نَتَّبِعُ ٱلسَّحَرَةَ إِن كَانُواْ هُمُ ٱلۡغَٰلِبِينَ ﴿40﴾

Transliteration: LaAAallana nattabiAAu alssaharata in kanoo humu alghalibeena

Translation: Hari n’aho twotsimbatara kw’idini rya Firawuni, tugakurikira abakonikoni mu gihe boramuka batsinze”.

26:41

فَلَمَّا جَآءَ ٱلسَّحَرَةُ قَالُواْ لِفِرۡعَوۡنَ أَئِنَّ لَنَا لَأَجۡرًا إِن كُنَّا نَحۡنُ ٱلۡغَٰلِبِينَ ﴿41﴾

Transliteration: Falamma jaa alssaharatu qaloo lifirAAawna ainna lana laajran in kunna nahnu alghalibeena

Translation: Umusi w’isango ugeze, nya bakonikoni karuhariwe bariyegeranije bashika kwa Firawuni, bamubaza bati: “Mbega none, ubwo duhava turonka agashimwe gashimishije, nitwaramuka dutsinze Musa?”.

26:42

قَالَ نَعَمۡ وَإِنَّكُمۡ إِذٗا لَّمِنَ ٱلۡمُقَرَّبِينَ ﴿42﴾

Transliteration: Qala naAAam wainnakum ithan lamina almuqarrabeena

Translation: Firawuni na we abishura ati: “Ego cane! Kandi muri ico gihe muzoba muri no mu batoni b’abishikira bari hambavu yanje”.

26:43

قَالَ لَهُم مُّوسَىٰٓ أَلۡقُواْ مَآ أَنتُم مُّلۡقُونَ ﴿43﴾

Transliteration: Qala lahum moosa alqoo ma antum mulqoona

Translation: Musa yabariye nya bakonikoni ashaka ko ikinyoma gikubitirwa ahashashe ati: “Nimuterere hasi ivyo mushaka mu bukonikoni bwanyu”.

26:44

فَأَلۡقَوۡاْ حِبَالَهُمۡ وَعِصِيَّهُمۡ وَقَالُواْ بِعِزَّةِ فِرۡعَوۡنَ إِنَّا لَنَحۡنُ ٱلۡغَٰلِبُونَ ﴿44﴾

Transliteration: Faalqaw hibalahum waAAisiyyahum waqaloo biAAizzati firAAawna inna lanahnu alghaliboona

Translation: Ni ho rero nya bakonikoni baterera imizana n’inkoni vyabo hasi, barahunika abantu bose bari ng’aho, ntibaba bakibona nya mizana na nya nkoni nk’uko bisanzwe, ahubwo babona inzoka, baraheza barahira kw’izina rya Firawuni bavuga bati: “Mu cubahiro ca Firawuni, ni ukuri dutegerezwa gutsinda Musa”.

26:45

فَأَلۡقَىٰ مُوسَىٰ عَصَاهُ فَإِذَا هِيَ تَلۡقَفُ مَا يَأۡفِكُونَ ﴿45﴾

Transliteration: Faalqa moosa AAasahu faitha hiya talqafu ma yafikoona

Translation: Ni ho Musa rero yaterera inkoni yiwe hasi, nya nkoni ica ihinduka inzoka amahanga yigendera, ya nzoka ica imiragura ivyo batereye hasi vyose, ivyari vyakanze abantu babona ko ari inzoka vy’ukuri kandi ari ikinyoma ceruye.

26:46

فَأُلۡقِيَ ٱلسَّحَرَةُ سَٰجِدِينَ ﴿46﴾

Transliteration: Faolqiya alssaharatu sajideena

Translation: Ba bakonikoni bamaze kubona ico gitangaro c’inkoni, baciye bubamira Imana Allah;

26:47

قَالُوٓاْ ءَامَنَّا بِرَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ ﴿47﴾

Transliteration: Qaloo amanna birabbi alAAalameena

Translation: Bavuga bati: “Twemeye Imana Rurema, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose;

26:48

رَبِّ مُوسَىٰ وَهَٰرُونَ ﴿48﴾

Transliteration: Rabbi moosa waharoona

Translation: Imana Rurema ya Musa na murumunawe Haruna”.

26:49

قَالَ ءَامَنتُمۡ لَهُۥ قَبۡلَ أَنۡ ءَاذَنَ لَكُمۡۖ إِنَّهُۥ لَكَبِيرُكُمُ ٱلَّذِي عَلَّمَكُمُ ٱلسِّحۡرَ فَلَسَوۡفَ تَعۡلَمُونَۚ لَأُقَطِّعَنَّ أَيۡدِيَكُمۡ وَأَرۡجُلَكُم مِّنۡ خِلَٰفٖ وَلَأُصَلِّبَنَّكُمۡ أَجۡمَعِينَ ﴿49﴾

Transliteration: Qala amantum lahu qabla an athana lakum innahu lakabeerukumu allathee AAallamakumu alssihra falasawfa taAAlamoona laoqattiAAanna aydiyakum waarjulakum min khilafin walaosallibannakum ajmaAAeena

Translation: Firawuni n’ishavu n’akantu yaciye avuga abiyamiriza ati: “Mbega karashize ingani mwemere Iyo Mana ya Musa, imbere yuko ndabibarekurira! Mu vy’ukuri biragaragaye ko Musa, ari we mukuru wanyu yabigishije ubukonikoni. Kubera ivyo rero, mugiye kwibonerako ayo imbwa yaboneye ku mugezi; ntegerezwa kubaca amaboko n’amaguru binyuranije; ndabace ukuboko kw’ukuryo hamwe n’ukuguru kw’ukubamfu, ukuboko kw’ukubamfu hamwe n’ukuguru kw’ukuryo, hanyuma mpeze ndababambe mwese ku bishitsi vy’igiti”.

26:50

قَالُواْ لَا ضَيۡرَۖ إِنَّآ إِلَىٰ رَبِّنَا مُنقَلِبُونَ ﴿50﴾

Transliteration: Qaloo la dayra inna ila rabbina munqaliboona

Translation: Ba bakonikoni, baraheza bishura Firawuni bati: “Nta co bidutwaye namba, twebwe mu vy’ukuri, uramutse utwishe dusubira ku Mana yacu Rurema Allah;

26:51

إِنَّا نَطۡمَعُ أَن يَغۡفِرَ لَنَا رَبُّنَا خَطَٰيَٰنَآ أَن كُنَّآ أَوَّلَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ ﴿51﴾

Transliteration: Inna natmaAAu an yaghfira lana rabbuna khatayana an kunna awwala almumineena

Translation: Mu vy’ukuri, twebwe turizeye ko Imana yacu Rurema Allah, Itugumiriza akabanga, Ikatubabarira ivyaha vyacu, kuko tubaye aba mbere bayemeye mu bantu bawe”.

26:52

وَأَوۡحَيۡنَآ إِلَىٰ مُوسَىٰٓ أَنۡ أَسۡرِ بِعِبَادِيٓ إِنَّكُم مُّتَّبَعُونَ ﴿52﴾

Transliteration: Waawhayna ila moosa an asri biAAibadee innakum muttabaAAoona

Translation: Ni ho rero Twebwe Allah Twahishurira Musa Tumubwira Duti: “Genda muri iri joro ujanye abaja banje bemeye muri Bene Israyeli, kuko mu vy’ukuri Firawuni n’ingabo ziwe, bahava babakurikira ngo babafate imbere yuko mujabuka ibahari”.

26:53

فَأَرۡسَلَ فِرۡعَوۡنُ فِي ٱلۡمَدَآئِنِ حَٰشِرِينَ ﴿53﴾

Transliteration: Faarsala firAAawnu fee almadaini hashireena

Translation: Firawuni yaciye arungika abararitsi mu bisagara vyose kwegeranya ingabo ziwe;

26:54

إِنَّ هَـٰٓؤُلَآءِ لَشِرۡذِمَةٞ قَلِيلُونَ ﴿54﴾

Transliteration: Inna haolai lashirthimatun qaleeloona

Translation: Araheza avuga ati: “Bene Israyeli bahunganye na Musa, ni akagwi k’abantu bari ku rushi, bagayitse;

26:55

وَإِنَّهُمۡ لَنَا لَغَآئِظُونَ ﴿55﴾

Transliteration: Wainnahum lana laghaithoona

Translation: Kandi mu vy’ukuri, baraduteye ishavu ryinshi ku guca kubiri n’idini ryacu;

26:56

وَإِنَّا لَجَمِيعٌ حَٰذِرُونَ ﴿56﴾

Transliteration: Wainna lajameeAAun hathiroona

Translation: Na twe rero turarikanuye ntibaducarukana”.

26:57

فَأَخۡرَجۡنَٰهُم مِّن جَنَّـٰتٖ وَعُيُونٖ ﴿57﴾

Transliteration: Faakhrajnahum min jannatin waAAuyoonin

Translation: Ni ho rero Twebwe Allah, Twakura Firawuni hamwe n’abantu biwe mu gihugu ca Misiri kirangwa n’imirima itotahaye n’amazi y’amariba atemba;

26:58

وَكُنُوزٖ وَمَقَامٖ كَرِيمٖ ﴿58﴾

Transliteration: Wakunoozin wamaqamin kareemin

Translation: Hari n’ibigega vy’ubutunzi n’inyubakwa ziteye igomwe.

26:59

كَذَٰلِكَۖ وَأَوۡرَثۡنَٰهَا بَنِيٓ إِسۡرَـٰٓءِيلَ ﴿59﴾

Transliteration: Kathalika waawrathnaha banee israeela

Translation: Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twabakuye muri ico gihugu ca Misiri - Twahavuye Tukiraga mu nyuma Bene Israyeli.

26:60

فَأَتۡبَعُوهُم مُّشۡرِقِينَ ﴿60﴾

Transliteration: FaatbaAAoohum mushriqeena

Translation: Firawuni rero hamwe n’ingabo ziwe, bahavuye bakurikira Musa n’abo bari kumwe mu mutwenzi.

26:61

فَلَمَّا تَرَـٰٓءَا ٱلۡجَمۡعَانِ قَالَ أَصۡحَٰبُ مُوسَىٰٓ إِنَّا لَمُدۡرَكُونَ ﴿61﴾

Transliteration: Falamma taraa aljamAAani qala ashabu moosa inna lamudrakoona

Translation: Bamaze guhura na bo amaso mu yandi, abantu ba Musa n’ubwoba n’akantu bavuze bati: “Musa, ni ukuri abantu ba Firawuni nta kibuza baradufashe, turahonye!”.

26:62

قَالَ كَلَّآۖ إِنَّ مَعِيَ رَبِّي سَيَهۡدِينِ ﴿62﴾

Transliteration: Qala kalla inna maAAiya rabbee sayahdeeni

Translation: Musa yabishuye ati: “Kizire, ntibagenda babafashe namba kuko ndi kumwe n’Imana yanje Rurema Allah mu kuntabara, Irandongora inzira idukura muri aka kaga”.

26:63

فَأَوۡحَيۡنَآ إِلَىٰ مُوسَىٰٓ أَنِ ٱضۡرِب بِّعَصَاكَ ٱلۡبَحۡرَۖ فَٱنفَلَقَ فَكَانَ كُلُّ فِرۡقٖ كَٱلطَّوۡدِ ٱلۡعَظِيمِ ﴿63﴾

Transliteration: Faawhayna ila moosa ani idrib biAAasaka albahra fainfalaqa fakana kullu firqin kaalttawdi alAAatheemi

Translation: Ni ho rero Twebwe Allah Twahishurira Musa Tumubwira Duti: “Kubita iyo nkoni yawe kw’ibahari”. Ubwo nyene ya bahari yicamwo inzira cumi na zibiri; zihuriranye n’igitigiri kingana n’amoko ya Bene Israyeli, maze igice cose c’ibahari kigabura inzira n’iyindi kiba nk’umusozi amahanga.

26:64

وَأَزۡلَفۡنَا ثَمَّ ٱلۡأٓخَرِينَ ﴿64﴾

Transliteration: Waazlafna thamma alakhareena

Translation: Aho rero, ni ho Twashorera Firawuni n’ingabo ziwe gushika n’aho binjira mw’ibahari bibwira ngo bakurikiye Musa n’abo bari kumwe;

26:65

وَأَنجَيۡنَا مُوسَىٰ وَمَن مَّعَهُۥٓ أَجۡمَعِينَ ﴿65﴾

Transliteration: Waanjayna moosa waman maAAahu ajmaAAeena

Translation: Turaheza Turokora Musa n’abo bari kumwe bose, barajabuka amahoro gushika ku rundi ruhande rw’ibahari.

26:66

ثُمَّ أَغۡرَقۡنَا ٱلۡأٓخَرِينَ ﴿66﴾

Transliteration: Thumma aghraqna alakhareena

Translation: Mu nyuma, ni ho nya bahari yasubira guterana, maze Twebwe Allah Duca Dusomesha nturi Firawuni n’ingabo ziwe, bahonera rimwe.

26:67

إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةٗۖ وَمَا كَانَ أَكۡثَرُهُم مُّؤۡمِنِينَ ﴿67﴾

Transliteration: Inna fee thalika laayatan wama kana aktharuhum mumineena

Translation: Mu vy’ukuri, muri ivyo vyashikiye Firawuni n’ingabo ziwe, ni ukuri harimwo inkebuzo yerekena koko ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah. Hamwe n’ivyo rero, abenshi mu bakurikira Firawuni ntibahavuye bemera.

26:68

وَإِنَّ رَبَّكَ لَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلرَّحِيمُ ﴿68﴾

Transliteration: Wainna rabbaka lahuwa alAAazeezu alrraheemu

Translation: Ntumwa y'Imana! Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni ukuri ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo.

26:69

وَٱتۡلُ عَلَيۡهِمۡ نَبَأَ إِبۡرَٰهِيمَ ﴿69﴾

Transliteration: Waotlu AAalayhim nabaa ibraheema

Translation: Ntumwa y’Imana! Cira ku mayange abagarariji, inkuru ya Ibrahimu;

26:70

إِذۡ قَالَ لِأَبِيهِ وَقَوۡمِهِۦ مَا تَعۡبُدُونَ ﴿70﴾

Transliteration: Ith qala liabeehi waqawmihi ma taAAbudoona

Translation: Igihe yabwira se hamwe n’abantu biwe ati: “Ni igiki musenga?”.

26:71

قَالُواْ نَعۡبُدُ أَصۡنَامٗا فَنَظَلُّ لَهَا عَٰكِفِينَ ﴿71﴾

Transliteration: Qaloo naAAbudu asnaman fanathallu laha AAakifeena

Translation: Bavuze bamwishura bati: “Dusenga ibigirwamana, tugaheza tukavyiyegurira”.

26:72

قَالَ هَلۡ يَسۡمَعُونَكُمۡ إِذۡ تَدۡعُونَ ﴿72﴾

Transliteration: Qala hal yasmaAAoonakum ith tadAAoona

Translation: Ibrahimu yababwiye abanebagura ati: “None burya, ivyo bigirwamana biraheza bikabumvira igisabisho iyo mubisavye?

26:73

أَوۡ يَنفَعُونَكُمۡ أَوۡ يَضُرُّونَ ﴿73﴾

Transliteration: Aw yanfaAAoonakum aw yadurroona

Translation: Canke bikagira ico bibamariye iyo mubisenze? Canke bikagira ico bibiciye iyo mutabisenze?”.

26:74

قَالُواْ بَلۡ وَجَدۡنَآ ءَابَآءَنَا كَذَٰلِكَ يَفۡعَلُونَ ﴿74﴾

Transliteration: Qaloo bal wajadna abaana kathalika yafAAaloona

Translation: Bavuze bamwishura bati: “Eka nta na kimwe tuziga kuri ivyo bigirwamana! Ahubwo twasanze abavyeyi bacu babisenga, na twe tubisenga ukwo”.

26:75

قَالَ أَفَرَءَيۡتُم مَّا كُنتُمۡ تَعۡبُدُونَ ﴿75﴾

Transliteration: Qala afaraaytum ma kuntum taAAbudoona

Translation: Ibrahimu yavuze ati: “Mbe burya muraraba mukazirikana ivyo musenga;

26:76

أَنتُمۡ وَءَابَآؤُكُمُ ٱلۡأَقۡدَمُونَ ﴿76﴾

Transliteration: Antum waabaokumu alaqdamoona

Translation: Mwebwe hamwe n’abavyeyi banyu b’abakurambere!

26:77

فَإِنَّهُمۡ عَدُوّٞ لِّيٓ إِلَّا رَبَّ ٱلۡعَٰلَمِينَ ﴿77﴾

Transliteration: Fainnahum AAaduwwun lee illa rabba alAAalameena

Translation: Mu vy’ukuri ivyo musenga mu gishingo c'Imana Allah, vyose ni abansi kuri jewe, ariko Imana Rurema w’ibiremwa vyose, ni Yo gusa nsenga;

26:78

ٱلَّذِي خَلَقَنِي فَهُوَ يَهۡدِينِ ﴿78﴾

Transliteration: Allathee khalaqanee fahuwa yahdeeni

Translation: Ni Yo Yandemye mw’ishusho ryiza, Iraheza Irandongora mu gukora ibimfitiye akamaro kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa;

26:79

وَٱلَّذِي هُوَ يُطۡعِمُنِي وَيَسۡقِينِ ﴿79﴾

Transliteration: Waallathee huwa yutAAimunee wayasqeeni

Translation: Ni na Yo Indonsa imfugurwa Ikandonsa n’ico nywa;

26:80

وَإِذَا مَرِضۡتُ فَهُوَ يَشۡفِينِ ﴿80﴾

Transliteration: Waitha maridtu fahuwa yashfeeni

Translation: N’iyo ndwaye, ni Yo Inkiza nkaroranirwa mu magara;

26:81

وَٱلَّذِي يُمِيتُنِي ثُمَّ يُحۡيِينِ ﴿81﴾

Transliteration: Waallathee yumeetunee thumma yuhyeeni

Translation: Ni na Yo Inyaka ubuzima kw’isi ngapfa, hanyuma Ikazonsubiza kandi ubuzima ku musi w’izuka, nkazuka;

26:82

وَٱلَّذِيٓ أَطۡمَعُ أَن يَغۡفِرَ لِي خَطِيٓـَٔتِي يَوۡمَ ٱلدِّينِ ﴿82﴾

Transliteration: Waallathee atmaAAu an yaghfira lee khateeatee yawma alddeeni

Translation: Ni na Yo nizeye ko Ingumiriza akabanga Ikazombabarira ivyaha vyanje ku musi w’impera”.

26:83

رَبِّ هَبۡ لِي حُكۡمٗا وَأَلۡحِقۡنِي بِٱلصَّـٰلِحِينَ ﴿83﴾

Transliteration: Rabbi hab lee hukman waalhiqnee bialssaliheena

Translation: Ibrahimu yavuze asaba ati: “Mana yanje Rurema Allah! Mpa ubumenyi no gutahura bikwiye, Wongere Unkurikize aberanda tuzohurira mu Bwami bw’ijuru;

26:84

وَٱجۡعَل لِّي لِسَانَ صِدۡقٖ فِي ٱلۡأٓخِرِينَ ﴿84﴾

Transliteration: WaijAAal lee lisana sidqin fee alakhireena

Translation: Umpe no kuyagwa neza n’abantu mu bazokurikira gushika ku musi w’iherezo;

26:85

وَٱجۡعَلۡنِي مِن وَرَثَةِ جَنَّةِ ٱلنَّعِيمِ ﴿85﴾

Transliteration: WaijAAalnee min warathati jannati alnnaAAeemi

Translation: Unshire no mu baja bawe Wageneye Ubwami bw’ijuru bwuzuye inema;

26:86

وَٱغۡفِرۡ لِأَبِيٓ إِنَّهُۥ كَانَ مِنَ ٱلضَّآلِّينَ ﴿86﴾

Transliteration: Waighfir liabee innahu kana mina alddalleena

Translation: Urongore n’umuvyeyi wanje mu nzira yawe, maze Umugumirize akabanga, Umubabarire ivyaha vyiwe; mu vy’ukuri, yari mu bantu bahuvye[3];

26:87

وَلَا تُخۡزِنِي يَوۡمَ يُبۡعَثُونَ ﴿87﴾

Transliteration: Wala tukhzinee yawma yubAAathoona

Translation: Kandi ntuzontetereze umusi ibiremwa vyazutse kugira biharurirwe, maze bigahemberwa ivyo vyakoze;

26:88

يَوۡمَ لَا يَنفَعُ مَالٞ وَلَا بَنُونَ ﴿88﴾

Transliteration: Yawma la yanfaAAu malun wala banoona

Translation: Umusi amatungo n’ibibondo ata na kimwe bizomarira umuntu;

26:89

إِلَّا مَنۡ أَتَى ٱللَّهَ بِقَلۡبٖ سَلِيمٖ ﴿89﴾

Transliteration: Illa man ata Allaha biqalbin saleemin

Translation: Kiretse umuntu azoza ku Mana Allah arangwa n’umutima wejejwe ubugarariji n’uburyarya”.

26:90

وَأُزۡلِفَتِ ٱلۡجَنَّةُ لِلۡمُتَّقِينَ ﴿90﴾

Transliteration: Waozlifati aljannatu lilmuttaqeena

Translation: Kuri nya musi rero, Ubwami bw’ijuru buzokwegerezwa abagamburukiramana;

26:91

وَبُرِّزَتِ ٱلۡجَحِيمُ لِلۡغَاوِينَ ﴿91﴾

Transliteration: Waburrizati aljaheemu lilghaweena

Translation: Umuriro ururumba na wo, ushirirwe ahabona abarenze ku mabwirizwa y’Imana Allah, bakanahakana bivuye inyuma Intumwa zayo;

26:92

وَقِيلَ لَهُمۡ أَيۡنَ مَا كُنتُمۡ تَعۡبُدُونَ ﴿92﴾

Transliteration: Waqeela lahum ayna ma kuntum taAAbudoona

Translation: Maze babwirwe n’agashinyaguro n'akantu bati: “Mbega ibigirwamana mwahora musenga mu gishingo c’Imana Allah, biri hehe ngo bibavugire kuri uno musi!

26:93

مِن دُونِ ٱللَّهِ هَلۡ يَنصُرُونَكُمۡ أَوۡ يَنتَصِرُونَ ﴿93﴾

Transliteration: Min dooni Allahi hal yansuroonakum aw yantasiroona

Translation: Mbega burya nya bigirwamana birashoboye kubatabara ngo bibakureko ibihano! Mbe hoho nya bigirwamana nyene biranashoboye kwikura mu bihano!”.

26:94

فَكُبۡكِبُواْ فِيهَا هُمۡ وَٱلۡغَاوُۥنَ ﴿94﴾

Transliteration: Fakubkiboo feeha hum waalghawoona

Translation: Bazoheza rero begeranirizwe hamwe, maze batabwe mu muriro batanguje umutwe, bari mu migwimigwi. Nya bigirwamana hamwe n’abarenze ku mabwirizwa y’Imana Allah bakanahakana n’Intumwa zayo, bazotabwa muri nya muriro;

26:95

وَجُنُودُ إِبۡلِيسَ أَجۡمَعُونَ ﴿95﴾

Transliteration: Wajunoodu ibleesa ajmaAAoona

Translation: Bari kumwe n’ababahubishije mu ngabo za shetani zabaryohereza gukora ibibi, nta n’umwe azocaruka.

26:96

قَالُواْ وَهُمۡ فِيهَا يَخۡتَصِمُونَ ﴿96﴾

Transliteration: Qaloo wahum feeha yakhtasimoona

Translation: Bazohazana bari mu muriro ku makosa yabo;

26:97

تَٱللَّهِ إِن كُنَّا لَفِي ضَلَٰلٖ مُّبِينٍ ﴿97﴾

Transliteration: TaAllahi in kunna lafee dalalin mubeenin

Translation: Bavuga babwira ababahubushije bati: “Turarahiye kw’izina ry’Imana Allah! Ni ukuri, kw’isi twari mu buhuvyi bugaragara;

26:98

إِذۡ نُسَوِّيكُم بِرَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ ﴿98﴾

Transliteration: Ith nusawweekum birabbi alAAalameena

Translation: Mu kubasenga tubanganisha n’Imana Rurema w’ibiremwa vyose, Ikwiye gusengwa ari Imwe Rudende;

26:99

وَمَآ أَضَلَّنَآ إِلَّا ٱلۡمُجۡرِمُونَ ﴿99﴾

Transliteration: Wama adallana illa almujrimoona

Translation: Burya nta cadukwegeye akaga kikadushikana aha turi, kiretse abanyavyaha barenga ku mabwirizwa y’Imana Allah baduhubishije, tukabumvira;

26:100

فَمَا لَنَا مِن شَٰفِعِينَ ﴿100﴾

Transliteration: Fama lana min shafiAAeena

Translation: Ubwo none ga yemwe! Nta n’umwe yonadusabira akadukura muri ibi bihano turimwo!

26:101

وَلَا صَدِيقٍ حَمِيمٖ ﴿101﴾

Transliteration: Wala sadeeqin hameemin

Translation: Nta n’umugenzi nkoramutima yotwumvira n’ikigongwe!

26:102

فَلَوۡ أَنَّ لَنَا كَرَّةٗ فَنَكُونَ مِنَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ ﴿102﴾

Transliteration: Falaw anna lana karratan fanakoona mina almumineena

Translation: Ese twopfuma dusubizwa kandi kw’isi tugaheza tukaba abemeramana koko!”.

26:103

إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةٗۖ وَمَا كَانَ أَكۡثَرُهُم مُّؤۡمِنِينَ ﴿103﴾

Transliteration: Inna fee thalika laayatan wama kana aktharuhum mumineena

Translation: Mu vy’ukuri mu nkuru ya Ibrahimu, ni ukuri harimwo inkebuzo ku wumva akikebuka. Hamwe n’ivyo rero, abenshi mu bashikiriwe n’iyo nkuru ntibahavuye bemera.

26:104

وَإِنَّ رَبَّكَ لَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلرَّحِيمُ ﴿104﴾

Transliteration: Wainna rabbaka lahuwa alAAazeezu alrraheemu

Translation: Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni ukuri ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo.

26:105

كَذَّبَتۡ قَوۡمُ نُوحٍ ٱلۡمُرۡسَلِينَ ﴿105﴾

Transliteration: Kaththabat qawmu noohin almursaleena

Translation: Abantu barungikiwe Intumwa Nuhu barahakanye bivuye inyuma Intumwa yabo, baca bafatwa nk’aho bahakanye Intumwa zose[4];

26:106

إِذۡ قَالَ لَهُمۡ أَخُوهُمۡ نُوحٌ أَلَا تَتَّقُونَ ﴿106﴾

Transliteration: Ith qala lahum akhoohum noohun ala tattaqoona

Translation: Igihe mwenewabo Nuhu yababwira ati: “Ubwo ntimwogamburukira Imana Allah mukubahiriza ibwirizwa ryo kuyisenga ari Imwe Rudende!

26:107

إِنِّي لَكُمۡ رَسُولٌ أَمِينٞ ﴿107﴾

Transliteration: Innee lakum rasoolun ameenun

Translation: Mu vy’ukuri, jewe kuri mwebwe ndi Intumwa, nkaba n’Umwizigirwa mu vyo ndabashikiriza;

26:108

فَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَأَطِيعُونِ ﴿108﴾

Transliteration: Faittaqoo Allaha waateeAAooni

Translation: Enda rero nyabuna nimwikingire ibihano vy’Imana Allah mu kunyemera, muheze munyumvire mu gusenga Imana Imwe Rudende Allah;

26:109

وَمَآ أَسۡـَٔلُكُمۡ عَلَيۡهِ مِنۡ أَجۡرٍۖ إِنۡ أَجۡرِيَ إِلَّا عَلَىٰ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ ﴿109﴾

Transliteration: Wama asalukum AAalayhi min ajrin in ajriya illa AAala rabbi alAAalameena

Translation: Nta mpembo ndabasavye kw’ishikirizabutumwa ryanje, impembo yanje ndayiziga ku Mana Rurema Allah, Yo Mubungabunzi w’ibiremwa vyose;

26:110

فَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَأَطِيعُونِ ﴿110﴾

Transliteration: Faittaqoo Allaha waateeAAooni

Translation: Kubera ivyo rero, nimwikingire ibihano vy’Imana Allah mu kunyemera, muheze munyumvire mu gushira mu ngiro amabwirizwa yayo".

26:111

قَالُوٓاْ أَنُؤۡمِنُ لَكَ وَٱتَّبَعَكَ ٱلۡأَرۡذَلُونَ ﴿111﴾

Transliteration: Qaloo anuminu laka waittabaAAaka alarthaloona

Translation: Abantu ba Nuhu barinamuye bati: “Wewe ubona twokwemera gute ngo tugukurikire mu gihe wakurikiwe n’abantu ba nyarucari n’imbunuza!”.

26:112

قَالَ وَمَا عِلۡمِي بِمَا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ ﴿112﴾

Transliteration: Qala wama AAilmee bima kanoo yaAAmaloona

Translation: Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) araheza abishura ati: “Sinjejwe kumenya ubuzima babayemwo; ico njejwe, ni ukubararikira ukwemera, burya ubutore n’icubahiro c’umuntu, biva ku kwemera Imana Allah, ntibiva ku muryango canke ku co ari mu kibano;

26:113

إِنۡ حِسَابُهُمۡ إِلَّا عَلَىٰ رَبِّيۖ لَوۡ تَشۡعُرُونَ ﴿113﴾

Transliteration: In hisabuhum illa AAala rabbee law tashAAuroona

Translation: Iharurirwa ryabo ku vyo bakoze, rijejwe Imana yanje Rurema Allah. Iyo muba muzi ko biri ukwo rero, ntimwari kunebagura abankurikiye;

26:114

وَمَآ أَنَا۠ بِطَارِدِ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ ﴿114﴾

Transliteration: Wama ana bitaridi almumineena

Translation: Kandi nanje nyene sindota nirukana abemeramana bankurikiye uko bari kwose kugira ngo munyemere;

26:115

إِنۡ أَنَا۠ إِلَّا نَذِيرٞ مُّبِينٞ ﴿115﴾

Transliteration: In ana illa natheerun mubeenun

Translation: Jewe burya nta kindi njejwe, kiretse ko ndi Umugabisha atomoye ku bihano vy’Imana Allah”.

26:116

قَالُواْ لَئِن لَّمۡ تَنتَهِ يَٰنُوحُ لَتَكُونَنَّ مِنَ ٱلۡمَرۡجُومِينَ ﴿116﴾

Transliteration: Qaloo lain lam tantahi ya noohu latakoonanna mina almarjoomeena

Translation: Abantu ba Nuhu bahavuye bamutera ubwoba bati: “Nuhu! Utaretse iryo rarikiramana ryawe, ni ukuri nta kibuza, tuzokwicisha amabuye!”.

26:117

قَالَ رَبِّ إِنَّ قَوۡمِي كَذَّبُونِ ﴿117﴾

Transliteration: Qala rabbi inna qawmee kaththabooni

Translation: Nuhu amaze kwumva iterabwoba ryabo, yaratakambiye Imana Allah avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri abantu banje Wandungitseko, bangararije bimwe biboneka;

26:118

فَٱفۡتَحۡ بَيۡنِي وَبَيۡنَهُمۡ فَتۡحٗا وَنَجِّنِي وَمَن مَّعِيَ مِنَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ ﴿118﴾

Transliteration: Faiftah baynee wabaynahum fathan wanajjinee waman maAAiya mina almumineena

Translation: Ndagusavye rero ko Ufata ingingo idutandukanya mu guhonya abaguhakana bakagarariza Intumwa yawe, maze Undokore muri iryo honywa jewe hamwe n’abo turi kumwe mu bemeramana”.

26:119

فَأَنجَيۡنَٰهُ وَمَن مَّعَهُۥ فِي ٱلۡفُلۡكِ ٱلۡمَشۡحُونِ ﴿119﴾

Transliteration: Faanjaynahu waman maAAahu fee alfulki almashhooni

Translation: Imana Allah Yarumviye Nuhu, maze Iramurokora muri nya honywa we hamwe n’abari kumwe na we mu bwato bwarimwo amoko yose y’ibiremwa.

26:120

ثُمَّ أَغۡرَقۡنَا بَعۡدُ ٱلۡبَاقِينَ ﴿120﴾

Transliteration: Thumma aghraqna baAAdu albaqeena

Translation: Mu nyuma rero, ni ho Twebwe Allah Twahonya abahakanye bakagarariza.

26:121

إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةٗۖ وَمَا كَانَ أَكۡثَرُهُم مُّؤۡمِنِينَ ﴿121﴾

Transliteration: Inna fee thalika laayatan wama kana aktharuhum mumineena

Translation: Mu vy’ukuri, mu nkuru ya Nuhu n’ihonywa ry’abamugararije, ni ukuri harimwo inkebuzo ku bantu. Hamwe n’ivyo rero, abenshi mu bashikiriwe n’iyo nkuru, ntibahavuye bemera Imana Allah n’Intumwa zayo ngo bubahirize n’amabwirizwa yayo.

26:122

وَإِنَّ رَبَّكَ لَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلرَّحِيمُ ﴿122﴾

Transliteration: Wainna rabbaka lahuwa alAAazeezu alrraheemu

Translation: Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni ukuri ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo.

26:123

كَذَّبَتۡ عَادٌ ٱلۡمُرۡسَلِينَ ﴿123﴾

Transliteration: Kaththabat AAadun almursaleena

Translation: Bene Aadi barahakanye bivuye inyuma Intumwa yabo Huudi, baca bafatwa nk’aho bahakanye Intumwa zose[5].

26:124

إِذۡ قَالَ لَهُمۡ أَخُوهُمۡ هُودٌ أَلَا تَتَّقُونَ ﴿124﴾

Transliteration: Ith qala lahum akhoohum hoodun ala tattaqoona

Translation: Igihe mwenewabo Huudi yababwira ati: “Ubwo ntimwogamburukira Imana Allah mukubahiriza ibwirizwa ryo kuyisenga ari Imwe Rudende!;

26:125

إِنِّي لَكُمۡ رَسُولٌ أَمِينٞ ﴿125﴾

Transliteration: Innee lakum rasoolun ameenun

Translation: Mu vy’ukuri, jewe kuri mwebwe ndi Intumwa, nkaba n’Umwizigirwa mu vyo ndabashikiriza;

26:126

فَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَأَطِيعُونِ ﴿126﴾

Transliteration: Faittaqoo Allaha waateeAAooni

Translation: Enda rero nyabuna nimwikingire ibihano vy’Imana Allah mu kunyemera, muheze munyumvire mu kwubahiriza amabwirizwa y’Imana Allah;

26:127

وَمَآ أَسۡـَٔلُكُمۡ عَلَيۡهِ مِنۡ أَجۡرٍۖ إِنۡ أَجۡرِيَ إِلَّا عَلَىٰ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ ﴿127﴾

Transliteration: Wama asalukum AAalayhi min ajrin in ajriya illa AAala rabbi alAAalameena

Translation: Nta mpembo ndabasavye kw’ishikirizabutumwa ryanje, impembo yanje ndayiziga ku Mana Rurema Allah, Yo Mubungabunzi w’ibiremwa vyose,

26:128

أَتَبۡنُونَ بِكُلِّ رِيعٍ ءَايَةٗ تَعۡبَثُونَ ﴿128﴾

Transliteration: Atabnoona bikulli reeAAin ayatan taAAbathoona

Translation: Mbega mwubaka inyubakwa ndende aho hose hataramutse, mu ntumbero yo kwihambaza mukengera abarengana hepfo yanyu!

26:129

وَتَتَّخِذُونَ مَصَانِعَ لَعَلَّكُمۡ تَخۡلُدُونَ ﴿129﴾

Transliteration: Watattakhithoona masaniAAa laAAallakum takhludoona

Translation: Mukigirira n’amazu y’intamenwa y’amagorofa; nk’aho muzokwama kw’isi ibihe bidahera;

26:130

وَإِذَا بَطَشۡتُم بَطَشۡتُمۡ جَبَّارِينَ ﴿130﴾

Transliteration: Waitha batashtum batashtum jabbareena

Translation: N’iyo hagize uwo mucakira mu bantu mukamukubita canke mukamwica, mubikora ku kagagazo n’akarenganyo;

26:131

فَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَأَطِيعُونِ ﴿131﴾

Transliteration: Faittaqoo Allaha waateeAAooni

Translation: Kubera ivyo rero, nimwikingire ibihano vy’Imana Allah mu kunyemera, muheze munyumvire mu gushira mu ngiro amabwirizwa yayo;

26:132

وَٱتَّقُواْ ٱلَّذِيٓ أَمَدَّكُم بِمَا تَعۡلَمُونَ ﴿132﴾

Transliteration: Waittaqoo allathee amaddakum bima taAAlamoona

Translation: Muheze mugamburukire Imana Allah Yabahaye inema muzi z’ubwoko bwose;

26:133

أَمَدَّكُم بِأَنۡعَٰمٖ وَبَنِينَ ﴿133﴾

Transliteration: Amaddakum bianAAamin wabaneena

Translation: Yabahaye ibitungwa, Ibaha n’ibibondo;

26:134

وَجَنَّـٰتٖ وَعُيُونٍ ﴿134﴾

Transliteration: Wajannatin waAAuyoonin

Translation: Ibaha n’imirima itotahaye hamwe n’amazi y’amariba atemba”.

26:135

إِنِّيٓ أَخَافُ عَلَيۡكُمۡ عَذَابَ يَوۡمٍ عَظِيمٖ ﴿135﴾

Transliteration: Innee akhafu AAalaykum AAathaba yawmin AAatheemin

Translation: Huudi (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yarihanije abantu yarungitsweko ati: “Mu vy’ukuri, jewe ndatinya ko mwoshikirwa n’ibihano vy’Imana Allah ku musi uhambaye, mu gihe mworendegera mu bugarariji, mwihakana n’inema zayo”.

26:136

قَالُواْ سَوَآءٌ عَلَيۡنَآ أَوَعَظۡتَ أَمۡ لَمۡ تَكُن مِّنَ ٱلۡوَٰعِظِينَ ﴿136﴾

Transliteration: Qaloo sawaon AAalayna awaAAathta am lam takun mina alwaAAitheena

Translation: Abantu ba Huudi bamwamiriye kure bati: “Kuri twebwe rero, ukuduhanura kwawe n’ukutaduhanura, vyose ni co kimwe, ntiturota tukwemera namba!

26:137

إِنۡ هَٰذَآ إِلَّا خُلُقُ ٱلۡأَوَّلِينَ ﴿137﴾

Transliteration: In hatha illa khuluqu alawwaleena

Translation: Ivyo twemera si ikindi, kiretse ko ari imigenzo y’ab’aho hambere;

26:138

وَمَا نَحۡنُ بِمُعَذَّبِينَ ﴿138﴾

Transliteration: Wama nahnu bimuAAaththabeena

Translation: Kandi rero twebwe ntituzohanirwa gukora ivyo utubuza”.

26:139

فَكَذَّبُوهُ فَأَهۡلَكۡنَٰهُمۡۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةٗۖ وَمَا كَانَ أَكۡثَرُهُم مُّؤۡمِنِينَ ﴿139﴾

Transliteration: Fakaththaboohu faahlaknahum inna fee thalika laayatan wama kana aktharuhum mumineena

Translation: Bararendegeye rero mu guhakana bivuye inyuma, maze Twebwe Allah Duca Tubarungikira igihuhusi c’igikonyozi, Turabahonya. Mu vy’ukuri mw’ihonywa ryabo, ni ukuri harimwo inkebuzo ku bantu. Ntumwa y’Imana! Hamwe n’ivyo rero, abenshi mu bashikiriwe n’iyo nkuru ntibahavuye bakwemera.

26:140

وَإِنَّ رَبَّكَ لَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلرَّحِيمُ ﴿140﴾

Transliteration: Wainna rabbaka lahuwa alAAazeezu alrraheemu

Translation: Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni ukuri ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo.

26:141

كَذَّبَتۡ ثَمُودُ ٱلۡمُرۡسَلِينَ ﴿141﴾

Transliteration: Kaththabat thamoodu almursaleena

Translation: Bene Thamuudi barahakanye bivuye inyuma Intumwa yabo Swalehe, baca bafatwa nk’aho bahakanye Intumwa zose[6].

26:142

إِذۡ قَالَ لَهُمۡ أَخُوهُمۡ صَٰلِحٌ أَلَا تَتَّقُونَ ﴿142﴾

Transliteration: Ith qala lahum akhoohum salihun ala tattaqoona

Translation: Igihe mwenewabo Swalehe yababwira ati: “Ubwo ntimwogamburukira Imana Allah mukubahiriza ibwirizwa ryo kuyisenga ari Imwe Rudende!

26:143

إِنِّي لَكُمۡ رَسُولٌ أَمِينٞ ﴿143﴾

Transliteration: Innee lakum rasoolun ameenun

Translation: Mu vy’ukuri, jewe kuri mwebwe ndi Intumwa, nkaba n’Umwizigirwa mu vyo ndabashikiriza;

26:144

فَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَأَطِيعُونِ ﴿144﴾

Transliteration: Faittaqoo Allaha waateeAAooni

Translation: Enda rero nyabuna nimwikingire ibihano vy’Imana Allah mu kunyemera, muheze munyumvire mu kwubahiriza amabwirizwa yayo;

26:145

وَمَآ أَسۡـَٔلُكُمۡ عَلَيۡهِ مِنۡ أَجۡرٍۖ إِنۡ أَجۡرِيَ إِلَّا عَلَىٰ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ ﴿145﴾

Transliteration: Wama asalukum AAalayhi min ajrin in ajriya illa AAala rabbi alAAalameena

Translation: Nta n’impembo ndabasavye kw’ishikirizabutumwa ryanje, impembo yanje ndayiziga ku Mana Rurema Allah, Yo Mubungabunzi w’ibiremwa vyose.

26:146

أَتُتۡرَكُونَ فِي مَا هَٰهُنَآ ءَامِنِينَ ﴿146﴾

Transliteration: Atutrakoona fee ma hahuna amineena

Translation: Mbega none, Imana yanyu Rurema Allah Ikwiye kubareka mukishira mukizana mu nema Yabahaye kw’isi mutekaniwe!

26:147

فِي جَنَّـٰتٖ وَعُيُونٖ ﴿147﴾

Transliteration: Fee jannatin waAAuyoonin

Translation: Mu mirima itotahaye hamwe n’amazi y’amariba atemba!

26:148

وَزُرُوعٖ وَنَخۡلٖ طَلۡعُهَا هَضِيمٞ ﴿148﴾

Transliteration: WazurooAAin wanakhlin talAAuha hadeemun

Translation: N’ibitara vy’ivyamwa n’ibiterwa hamwe n’itende zoroshe z’akanovera!

26:149

وَتَنۡحِتُونَ مِنَ ٱلۡجِبَالِ بُيُوتٗا فَٰرِهِينَ ﴿149﴾

Transliteration: Watanhitoona mina aljibali buyootan fariheena

Translation: Mukanabaza mu misozi inzu mu buhinga butuma mwiyemera bidasanzwe!

26:150

فَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَأَطِيعُونِ ﴿150﴾

Transliteration: Faittaqoo Allaha waateeAAooni

Translation: Kubera ivyo rero, nimwikingire ibihano vy’Imana Allah mu kunyemera, muheze munyumvire mu kwubahiriza amabwirizwa yayo;

26:151

وَلَا تُطِيعُوٓاْ أَمۡرَ ٱلۡمُسۡرِفِينَ ﴿151﴾

Transliteration: Wala tuteeAAoo amra almusrifeena

Translation: Ntimugakurikire namba ivyo mubwirwa n’abimonogoje mu bugarariji;

26:152

ٱلَّذِينَ يُفۡسِدُونَ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَلَا يُصۡلِحُونَ ﴿152﴾

Transliteration: Allatheena yufsidoona fee alardi wala yuslihoona

Translation: Bagenzwa n’ubwononyi kw’isi, batigera bitwararika gukora ibitunganye”.

26:153

قَالُوٓاْ إِنَّمَآ أَنتَ مِنَ ٱلۡمُسَحَّرِينَ ﴿153﴾

Transliteration: Qaloo innama anta mina almusahhareena

Translation: Bene Thamuudi barinamuye babwira Swalehe bati: “Ni ukuri wewe, uri mu barozwe koko gushika n’aho utakigira n’ubwo kurahura!

26:154

مَآ أَنتَ إِلَّا بَشَرٞ مِّثۡلُنَا فَأۡتِ بِـَٔايَةٍ إِن كُنتَ مِنَ ٱلصَّـٰدِقِينَ ﴿154﴾

Transliteration: Ma anta illa basharun mithluna fati biayatin in kunta mina alssadiqeena

Translation: Wewe nta co uri, kiretse ko uri umuntu nkatwe, udusumbije igiki cotuma uba Intumwa! Enda rero nyabuna zana icemezo cerekana ko uri Intumwa, niwaba koko uri mu mvugakuri ko Imana Allah Yakuturungitseko!”.

26:155

قَالَ هَٰذِهِۦ نَاقَةٞ لَّهَا شِرۡبٞ وَلَكُمۡ شِرۡبُ يَوۡمٖ مَّعۡلُومٖ ﴿155﴾

Transliteration: Qala hathihi naqatun laha shirbun walakum shirbu yawmin maAAloomin

Translation: Swalehe yababwiye ati: “Ng’iyo ingamiya mwarungikiwe n’Imana Allah, kugira ibabere icemezo cerekana ko ndi mu kuri, yagenewe gushoka ku musi wayo na mwe mukaba murekuriwe kuvoma ku musi uzwi ukurikira;

26:156

وَلَا تَمَسُّوهَا بِسُوٓءٖ فَيَأۡخُذَكُمۡ عَذَابُ يَوۡمٍ عَظِيمٖ ﴿156﴾

Transliteration: Wala tamassooha bisooin fayakhuthakum AAathabu yawmin AAatheemin

Translation: Ntimunayikomakome ku nabi ngo muyice imitsi. Nimwahirahira rero mukayikomakoma ku nabi, nta kizobuza ko mushikirwa n’ibihano vy’Imana Allah ku musi uhambaye”.

26:157

فَعَقَرُوهَا فَأَصۡبَحُواْ نَٰدِمِينَ ﴿157﴾

Transliteration: FaAAaqarooha faasbahoo nadimeena

Translation: Ni ho rero bahakana, basimbira kuri nya ngamiya barayica imitsi, barayibaga, maze bazinduka bicuza ku vyo bakoze, bamaze kumenya neza ko bategerezwa guhanwa;

26:158

فَأَخَذَهُمُ ٱلۡعَذَابُۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةٗۖ وَمَا كَانَ أَكۡثَرُهُم مُّؤۡمِنِينَ ﴿158﴾

Transliteration: Faakhathahumu alAAathabu inna fee thalika laayatan wama kana aktharuhum mumineena

Translation: Baca bashikirwa rero n’ibihano vy’Imana Allah basezeraniwe na Swalehe (nyakugira amahoro y’Imana Allah), birabahonya. Mu vy’ukuri mw’ihonywa rya Bene Thamuudi, ni ukuri harimwo inkebuzo ku wushaka kwikebuka mu bantu. Hamwe n’ivyo rero, abenshi mu bashikiriwe n’iyo nkuru, ntibahavuye bemera Imana Allah.

26:159

وَإِنَّ رَبَّكَ لَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلرَّحِيمُ ﴿159﴾

Transliteration: Wainna rabbaka lahuwa alAAazeezu alrraheemu

Translation: Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni ukuri ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo.

26:160

كَذَّبَتۡ قَوۡمُ لُوطٍ ٱلۡمُرۡسَلِينَ ﴿160﴾

Transliteration: Kaththabat qawmu lootin almursaleena

Translation: Abantu ba Luutwi barahakanye bivuye inyuma Intumwa yabo Luutwi, baca bafatwa nk’aho bahakanye Intumwa zose[7].

26:161

إِذۡ قَالَ لَهُمۡ أَخُوهُمۡ لُوطٌ أَلَا تَتَّقُونَ ﴿161﴾

Transliteration: Ith qala lahum akhoohum lootun ala tattaqoona

Translation: Igihe mwenewabo Luutwi yababwira ati: “Ubwo ntimwogamburukira Imana Allah mukubahiriza amabwirizwa yayo!

26:162

إِنِّي لَكُمۡ رَسُولٌ أَمِينٞ ﴿162﴾

Transliteration: Innee lakum rasoolun ameenun

Translation: Mu vy’ukuri, jewe kuri mwebwe ndi Intumwa, nkaba n’Umwizigirwa mu vyo ndabashikiriza;

26:163

فَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَأَطِيعُونِ ﴿163﴾

Transliteration: Faittaqoo Allaha waateeAAooni

Translation: Enda rero nyabuna nimwikingire ibihano vy’Imana Allah mu kunyemera, muheze munyumvire mu kwubahiriza amabwirizwa yayo;

26:164

وَمَآ أَسۡـَٔلُكُمۡ عَلَيۡهِ مِنۡ أَجۡرٍۖ إِنۡ أَجۡرِيَ إِلَّا عَلَىٰ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ ﴿164﴾

Transliteration: Wama asalukum AAalayhi min ajrin in ajriya illa AAala rabbi alAAalameena

Translation: Nta n’impembo ndabasavye kw’ishikirizabutumwa ryanje, impembo yanje ndayiziga ku Mana Rurema Allah, Yo Mubungabunzi w’ibiremwa vyose.

26:165

أَتَأۡتُونَ ٱلذُّكۡرَانَ مِنَ ٱلۡعَٰلَمِينَ ﴿165﴾

Transliteration: Atatoona alththukrana mina alAAalameena

Translation: Mbega none, karashize ingani mwabirane abagabo ku bagabo muri Bene Adamu!

26:166

وَتَذَرُونَ مَا خَلَقَ لَكُمۡ رَبُّكُم مِّنۡ أَزۡوَٰجِكُمۚ بَلۡ أَنتُمۡ قَوۡمٌ عَادُونَ ﴿166﴾

Transliteration: Watatharoona ma khalaqa lakum rabbukum min azwajikum bal antum qawmun AAadoona

Translation: Muheze mwirengagize kwabira abo mwaremewe n’Imana yanyu Rurema Allah mu bagore, ari na bo mwagenewe kugira muryoherwe muheze murondoke! Ahubwo rero, mwebwe muri abantu bimonogoje mu kuvogera imbibe z’ibibujijwe n’Imana Allah”.

26:167

قَالُواْ لَئِن لَّمۡ تَنتَهِ يَٰلُوطُ لَتَكُونَنَّ مِنَ ٱلۡمُخۡرَجِينَ ﴿167﴾

Transliteration: Qaloo lain lam tantahi ya lootu latakoonanna mina almukhrajeena

Translation: Abantu Luutwi yarungitsweko bahavuye bamutera ubwoba bati: “Luutwi! Utaretse kutubuza kwabirana abagabo ku bandi, ni ukuri nta kibuza, tuzokwomora utuvire mu gihugu!”.

26:168

قَالَ إِنِّي لِعَمَلِكُم مِّنَ ٱلۡقَالِينَ ﴿168﴾

Transliteration: Qala innee liAAamalikum mina alqaleena

Translation: Luutwi asubizayo ati: “Mu vy’ukuri, jewe ndi mu biyamiriza bivuye inyuma bakanashavuzwa cane n’ivyo mukora”.

26:169

رَبِّ نَجِّنِي وَأَهۡلِي مِمَّا يَعۡمَلُونَ ﴿169﴾

Transliteration: Rabbi najjinee waahlee mimma yaAAmaloona

Translation: Luutwi amaze kwihebura ko batarota bamwumvira, yasavye Imana Allah avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Nkingira jewe hamwe n’umuryango wanje inkurikizi z’ivyaha vy’agahomerabunwa bakora”.

26:170

فَنَجَّيۡنَٰهُ وَأَهۡلَهُۥٓ أَجۡمَعِينَ ﴿170﴾

Transliteration: Fanajjaynahu waahlahu ajmaAAeena

Translation: Ni ho rero Twebwe Allah, Twarokora Luutwi hamwe n’umuryango wiwe n’abitabiriye irarikiramana ryiwe;

26:171

إِلَّا عَجُوزٗا فِي ٱلۡغَٰبِرِينَ ﴿171﴾

Transliteration: Illa AAajoozan fee alghabireena

Translation: Kiretse umukecuru umwe muri bo atemeye, ari na we yari umugore wiwe, yari mu bategerezwa guhanwa;

26:172

ثُمَّ دَمَّرۡنَا ٱلۡأٓخَرِينَ ﴿172﴾

Transliteration: Thumma dammarna alakhareena

Translation: Mu nyuma rero, ni ho Twebwe Allah Twarandurana n’imizi abahakanye bakagarariza;

26:173

وَأَمۡطَرۡنَا عَلَيۡهِم مَّطَرٗاۖ فَسَآءَ مَطَرُ ٱلۡمُنذَرِينَ ﴿173﴾

Transliteration: Waamtarna AAalayhim mataran fasaa mataru almunthareena

Translation: Maze Tubakurikiza n’icucagirwa ry’amabuye amanuka avuye mu kirere nk’imvura y’urutavanako; ryari icucagirwa ry’amabuye ribi cane ku bihanijwe n’Intumwa bakanka kuzumvira!

26:174

إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةٗۖ وَمَا كَانَ أَكۡثَرُهُم مُّؤۡمِنِينَ ﴿174﴾

Transliteration: Inna fee thalika laayatan wama kana aktharuhum mumineena

Translation: Mu vy’ukuri mw’ihonywa ry’abantu ba Luutwi, ni ukuri harimwo inkebuzo ku bahakanyi bagarariza amabwirizwa y’Imana Allah. Hamwe n’ivyo rero, abenshi muri bo ntibahavuye bemera.

26:175

وَإِنَّ رَبَّكَ لَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلرَّحِيمُ ﴿175﴾

Transliteration: Wainna rabbaka lahuwa alAAazeezu alrraheemu

Translation: Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni ukuri ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo.

26:176

كَذَّبَ أَصۡحَٰبُ لۡـَٔيۡكَةِ ٱلۡمُرۡسَلِينَ ﴿176﴾

Transliteration: Kaththaba ashabu alaykati almursaleena

Translation: Abantu bo mu gisagara c’ibiti bitotahaye barahakanye bivuye inyuma Intumwa yabo Shu’ayibu, baca bafatwa nk’aho bahakanye Intumwa zose[8].

26:177

إِذۡ قَالَ لَهُمۡ شُعَيۡبٌ أَلَا تَتَّقُونَ ﴿177﴾

Transliteration: Ith qala lahum shuAAaybun ala tattaqoona

Translation: Igihe Shu’ayibu yababwira ati: “Ubwo ntimwogamburukira Imana Allah mukubahiriza amabwirizwa yayo!

26:178

إِنِّي لَكُمۡ رَسُولٌ أَمِينٞ ﴿178﴾

Transliteration: Innee lakum rasoolun ameenun

Translation: Mu vy’ukuri, jewe kuri mwebwe ndi Intumwa, nkaba n’Umwizigirwa mu vyo ndabashikiriza;

26:179

فَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَأَطِيعُونِ ﴿179﴾

Transliteration: Faittaqoo Allaha waateeAAooni

Translation: Enda rero nyabuna nimwikingire ibihano vy’Imana Allah mu kunyemera, muheze munyumvire mu kwubahiriza amabwirizwa yayo;

26:180

وَمَآ أَسۡـَٔلُكُمۡ عَلَيۡهِ مِنۡ أَجۡرٍۖ إِنۡ أَجۡرِيَ إِلَّا عَلَىٰ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ ﴿180﴾

Transliteration: Wama asalukum AAalayhi min ajrin in ajriya illa AAala rabbi alAAalameena

Translation: Nta n’impembo ndabasavye kw’ishikirizabutumwa ryanje, impembo yanje ndayiziga ku Mana Rurema Allah, Yo Mubungabunzi w’ibiremwa vyose.

26:181

أَوۡفُواْ ٱلۡكَيۡلَ وَلَا تَكُونُواْ مِنَ ٱلۡمُخۡسِرِينَ ﴿181﴾

Transliteration: Awfoo alkayla wala takoonoo mina almukhsireena

Translation: Shu’ayibu yabwiye abo yarungitsweko ati: “Enda nimukwize ingero mu gihe mugereye abandi, kandi ntimukagabanye ku ngero mugeresha;

26:182

وَزِنُواْ بِٱلۡقِسۡطَاسِ ٱلۡمُسۡتَقِيمِ ﴿182﴾

Transliteration: Wazinoo bialqistasi almustaqeemi

Translation: Mwongere mupimire abantu ku munzani utunganye, ukwiza ibiro;

26:183

وَلَا تَبۡخَسُواْ ٱلنَّاسَ أَشۡيَآءَهُمۡ وَلَا تَعۡثَوۡاْ فِي ٱلۡأَرۡضِ مُفۡسِدِينَ ﴿183﴾

Transliteration: Wala tabkhasoo alnnasa ashyaahum wala taAAthaw fee alardi mufsideena

Translation: Ntimukambure abantu ivyabo ku ngero, ku munzani, n’ibindi; eka ntimukagenzwe n’ubwononyi ubwo ari bwo bwose[9] kw’isi;

26:184

وَٱتَّقُواْ ٱلَّذِي خَلَقَكُمۡ وَٱلۡجِبِلَّةَ ٱلۡأَوَّلِينَ ﴿184﴾

Transliteration: Waittaqoo allathee khalaqakum waaljibillata alawwaleena

Translation: Muheze kandi mwikingire ko mwoshikirwa n’ibihano vy’Iyabaremye mwebwe hamwe n’abakurambere banyu”.

26:185

قَالُوٓاْ إِنَّمَآ أَنتَ مِنَ ٱلۡمُسَحَّرِينَ ﴿185﴾

Transliteration: Qaloo innama anta mina almusahhareena

Translation: Abantu ba Shu’ayibu bamwishuye bati: “Ni ukuri wewe, uri mu barozwe koko gushika n’aho utakigira n’ubwo kurahura!

26:186

وَمَآ أَنتَ إِلَّا بَشَرٞ مِّثۡلُنَا وَإِن نَّظُنُّكَ لَمِنَ ٱلۡكَٰذِبِينَ ﴿186﴾

Transliteration: Wama anta illa basharun mithluna wain nathunnuka lamina alkathibeena

Translation: Wewe nta n’ico uri, kiretse ko uri umuntu nkatwe, udusumbije igiki cotuma uba Intumwa! Mbere twibwira ko wewe ata nkeka uri mu babesha ko warungitswe kuba Intumwa;

26:187

فَأَسۡقِطۡ عَلَيۡنَا كِسَفٗا مِّنَ ٱلسَّمَآءِ إِن كُنتَ مِنَ ٱلصَّـٰدِقِينَ ﴿187﴾

Transliteration: Faasqit AAalayna kisafan mina alssamai in kunta mina alssadiqeena

Translation: Saba rero Imana yawe Allah Itumanurireko ibihano bivuye mw’ijuru biduhonye, niwaba koko uri mu mvugakuri ko ari Yo Yakuturungitseko!”.

26:188

قَالَ رَبِّيٓ أَعۡلَمُ بِمَا تَعۡمَلُونَ ﴿188﴾

Transliteration: Qala rabbee aAAlamu bima taAAmaloona

Translation: Shu’ayibu araheza abishura avuga ati: “Imana yanje Rurema Allah, ni Yo Izi neza ivyo mukora vyotuma Ibahana”.

26:189

فَكَذَّبُوهُ فَأَخَذَهُمۡ عَذَابُ يَوۡمِ ٱلظُّلَّةِۚ إِنَّهُۥ كَانَ عَذَابَ يَوۡمٍ عَظِيمٍ ﴿189﴾

Transliteration: Fakaththaboohu faakhathahum AAathabu yawmi alththullati innahu kana AAathaba yawmin AAatheemin

Translation: Bahavuye rero barendegera mu guhakana bivuye inyuma Shu’ayibu, maze Imana Allah Ibahanisha ubushuhe bumena imbwa agahanga, baraheza bahungira nya bushuhe musi y’igicu kibaha agatutu n’akayaga. Bamaze kwiyegeraniriza hamwe bose musi ya nya gicu, ni ho Imana Allah Yaca Irungika umuriro ubaturira bose, mu vy’ukuri cari igihano c’ihonywa ku musi uhambaye.

26:190

إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةٗۖ وَمَا كَانَ أَكۡثَرُهُم مُّؤۡمِنِينَ ﴿190﴾

Transliteration: Inna fee thalika laayatan wama kana aktharuhum mumineena

Translation: Mu vy’ukuri, mw’ihonywa ry’abantu bo mu gisagara c’ibiti bitotahaye, ni ukuri harimwo inkebuzo ku bahakanyi bagarariza amabwirizwa y’Imana Allah. Hamwe n’ivyo rero, abenshi muri bo ntibahavuye bikebuka ngo bemere.

26:191

وَإِنَّ رَبَّكَ لَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلرَّحِيمُ ﴿191﴾

Transliteration: Wainna rabbaka lahuwa alAAazeezu alrraheemu

Translation: Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni ukuri ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo.

26:192

وَإِنَّهُۥ لَتَنزِيلُ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ ﴿192﴾

Transliteration: Wainnahu latanzeelu rabbi alAAalameena

Translation: Mu vy’ukuri, iyi Qor’ani icira abantu ku mayange kahise k’ivyashikiye Intumwa n’abo zarungitsweko, Yamanuwe ivuye ku Mana Rurema Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose;

26:193

نَزَلَ بِهِ ٱلرُّوحُ ٱلۡأَمِينُ ﴿193﴾

Transliteration: Nazala bihi alrroohu alameenu

Translation: Ntumwa y'Imana! Iyo Qor’ani yamanukanwe na Mutimamweranda akaba n’umwizigirwa Jibrili;

26:194

عَلَىٰ قَلۡبِكَ لِتَكُونَ مِنَ ٱلۡمُنذِرِينَ ﴿194﴾

Transliteration: AAala qalbika litakoona mina almunthireena

Translation: Araheza arayigusomera urayizigama mu mutima, uranatahura n’ingingo zirimwo, kugira ube Intumwa mu zindi Ntumwa zigabisha abo zarungitsweko ku bihano vy’Imana Allah, uheze ugabishe rero abantu bose co kimwe n’amajini.

26:195

بِلِسَانٍ عَرَبِيّٖ مُّبِينٖ ﴿195﴾

Transliteration: Bilisanin AAarabiyyin mubeenin

Translation: Akaba yayimanukanye iri mu rurimi rw’icarabu rutomoye, harimwo ingingo zose nkenerwa mu gutunganya ivy’ubuzima bwo kw’isi n’ivy’ubw’inyuma yo gupfa.

26:196

وَإِنَّهُۥ لَفِي زُبُرِ ٱلۡأَوَّلِينَ ﴿196﴾

Transliteration: Wainnahu lafee zuburi alawwaleena

Translation: Mu vy’ukuri ivugwa ry’iyi Qor’ani, ni ukuri riri mu Bitabu vy’Intumwa zo hambere yawe.

26:197

أَوَلَمۡ يَكُن لَّهُمۡ ءَايَةً أَن يَعۡلَمَهُۥ عُلَمَـٰٓؤُاْ بَنِيٓ إِسۡرَـٰٓءِيلَ ﴿197﴾

Transliteration: Awalam yakun lahum ayatan an yaAAlamahu AAulamao banee israeela

Translation: Ntumwa y’Imana! Mbega abaguhakana, ntivyari bikwiye kubabera icemezo cotuma bemera ko uri Intumwa, kuba abamenyi muri Bene Israyeli bazi neza na neza ko uri Intumwa vy’ukuri, n’uko Qor’ani ari ukuri kudahinyuzwa![10].

26:198

وَلَوۡ نَزَّلۡنَٰهُ عَلَىٰ بَعۡضِ ٱلۡأَعۡجَمِينَ ﴿198﴾

Transliteration: Walaw nazzalnahu AAala baAAdi alaAAjameena

Translation: N'iyo Twebwe Allah Tumanurira Qor’ani bamwe mu batavuga ururimi rw’icarabu;

26:199

فَقَرَأَهُۥ عَلَيۡهِم مَّا كَانُواْ بِهِۦ مُؤۡمِنِينَ ﴿199﴾

Transliteration: Faqaraahu AAalayhim ma kanoo bihi mumineena

Translation: Maze bakayisomera abagarariji mu Bakorayishi mu carabu gitomoye, ntibari kuyemera namba, bari no kurondera icitwazo c’ukwo kutemera.

26:200

كَذَٰلِكَ سَلَكۡنَٰهُ فِي قُلُوبِ ٱلۡمُجۡرِمِينَ ﴿200﴾

Transliteration: Kathalika salaknahu fee quloobi almujrimeena

Translation: Ni nk’ukwo nyene rero Twebwe Allah, Twateye amakenga yo kutemera Qor’ani mu mitima y’abanyavyaha barenga ku mabwirizwa yacu;

26:201

لَا يُؤۡمِنُونَ بِهِۦ حَتَّىٰ يَرَوُاْ ٱلۡعَذَابَ ٱلۡأَلِيمَ ﴿201﴾

Transliteration: La yuminoona bihi hatta yarawoo alAAathaba alaleema

Translation: Ntibarota bemera rero, gushika biboneyeko ibihano bibabaza basezeraniwe;

26:202

فَيَأۡتِيَهُم بَغۡتَةٗ وَهُمۡ لَا يَشۡعُرُونَ ﴿202﴾

Transliteration: Fayatiyahum baghtatan wahum la yashAAuroona

Translation: Maze nya bihano bibashikire giturumbuka ata vyo bari biteze;

26:203

فَيَقُولُواْ هَلۡ نَحۡنُ مُنظَرُونَ ﴿203﴾

Transliteration: Fayaqooloo hal nahnu muntharoona

Translation: Baheze bicuze bavuga bati: “Ubwo ntitworindirizwa na gato kugira twigaye ku Mana Allah, duheze tuyemere!”;

26:204

أَفَبِعَذَابِنَا يَسۡتَعۡجِلُونَ ﴿204﴾

Transliteration: AfabiAAathabina yastaAAjiloona

Translation: Bahenzwe n’uko Twebwe Allah Dutenyenya kubahana, baraheza bihutira gusaba ko Twobahana!

26:205

أَفَرَءَيۡتَ إِن مَّتَّعۡنَٰهُمۡ سِنِينَ ﴿205﴾

Transliteration: Afaraayta in mattaAAnahum sineena

Translation: Ntumwa y’Imana! Mbega wari uzi ko n’aho abagarariji Twobaha kuryoherwa mu buzima bwo kw’isi imyaka n’iyindi;

26:206

ثُمَّ جَآءَهُم مَّا كَانُواْ يُوعَدُونَ ﴿206﴾

Transliteration: Thumma jaahum ma kanoo yooAAadoona

Translation: Hanyuma bagashikirwa n’ibihano basezeraniwe;

26:207

مَآ أَغۡنَىٰ عَنۡهُم مَّا كَانُواْ يُمَتَّعُونَ ﴿207﴾

Transliteration: Ma aghna AAanhum ma kanoo yumattaAAoona

Translation: Ukuryoherwa muri nya buzima imyaka n’iyindi, ata co kwobamarira mu gihe batarigaya ku Mana Allah icaha c’ibangikanyamana!

26:208

وَمَآ أَهۡلَكۡنَا مِن قَرۡيَةٍ إِلَّا لَهَا مُنذِرُونَ ﴿208﴾

Transliteration: Wama ahlakna min qaryatin illa laha munthiroona

Translation: Nta ho vyakabaye rero ko Twebwe Allah, Duhana Tugahonya agacimbiri na kamwe k’abantu b’aho hambere, kiretse ko Twabanza kukarungikira Intumwa zikagabisha ku bihano vyacu;

26:209

ذِكۡرَىٰ وَمَا كُنَّا ظَٰلِمِينَ ﴿209﴾

Transliteration: Thikra wama kunna thalimeena

Translation: Nya Ntumwa rero zigaheza zikibutsa nya gacimbiri kwubahiriza amabwirizwa yacu. Ntitwari kurenganya rero umugwi uwo ari wo wose w’abantu ngo Tuwuhane imbere yuko Tuwurungikira Intumwa.

26:210

وَمَا تَنَزَّلَتۡ بِهِ ٱلشَّيَٰطِينُ ﴿210﴾

Transliteration: Wama tanazzalat bihi alshshayateenu

Translation: Nta mashetani yigeze amanurira Qor’ani Intumwa Muhamadi nk’uko abagarariji bibwira;

26:211

وَمَا يَنۢبَغِي لَهُمۡ وَمَا يَسۡتَطِيعُونَ ﴿211﴾

Transliteration: Wama yanbaghee lahum wama yastateeAAoona

Translation: Ico kizire rero ku mashetani, eka nta n’ico yoshobora;

26:212

إِنَّهُمۡ عَنِ ٱلسَّمۡعِ لَمَعۡزُولُونَ ﴿212﴾

Transliteration: Innahum AAani alssamAAi lamaAAzooloona

Translation: Mu vy’ukuri, ayo mashetani ntashoboye no gusuma urusaku kw’ihishurirwa rya Qor’ani mu gihe imanuwe.

26:213

فَلَا تَدۡعُ مَعَ ٱللَّهِ إِلَٰهًا ءَاخَرَ فَتَكُونَ مِنَ ٱلۡمُعَذَّبِينَ ﴿213﴾

Transliteration: Fala tadAAu maAAa Allahi ilahan akhara fatakoona mina almuAAaththabeena

Translation: Ntukabangikanye rero Imana Allah mu kuyisenga hamwe n’iyindi mana, wohava uba mu bahanirwa ibangikanyamana.

26:214

وَأَنذِرۡ عَشِيرَتَكَ ٱلۡأَقۡرَبِينَ ﴿214﴾

Transliteration: Waanthir AAasheerataka alaqrabeena

Translation: Ntumwa y’Imana! Gabisha rero ku bihano vy’Imana Allah abari hafi yawe, na canecane mu muryango wawe;

26:215

وَٱخۡفِضۡ جَنَاحَكَ لِمَنِ ٱتَّبَعَكَ مِنَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ ﴿215﴾

Transliteration: Waikhfid janahaka limani ittabaAAaka mina almumineena

Translation: Uheze worohere mu mvugo n’ingiro abemeramana bagukurikiye, mu kwicisha bugufi no kubumvira impuhwe.

26:216

فَإِنۡ عَصَوۡكَ فَقُلۡ إِنِّي بَرِيٓءٞ مِّمَّا تَعۡمَلُونَ ﴿216﴾

Transliteration: Fain AAasawka faqul innee bareeon mimma taAAmaloona

Translation: Nibaca kubiri n’ingingo yawe, uraheza ubabwire uti: “Mu vy’ukuri jewe, nditandukanije n’ivyo mukora mw’ibangikanyamana”.

26:217

وَتَوَكَّلۡ عَلَى ٱلۡعَزِيزِ ٱلرَّحِيمِ ﴿217﴾

Transliteration: Watawakkal AAala alAAazeezi alrraheemi

Translation: Maze wishimikize unizere Imana Allah, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo.

26:218

ٱلَّذِي يَرَىٰكَ حِينَ تَقُومُ ﴿218﴾

Transliteration: Allathee yaraka heena taqoomu

Translation: Ni Yo Ikubona mu gihe ugira usenge wenyene mu gicugu;

26:219

وَتَقَلُّبَكَ فِي ٱلسَّـٰجِدِينَ ﴿219﴾

Transliteration: Wataqallubaka fee alssajideena

Translation: Ikabona n’ukungene ugira uri kumwe n’abayubamira mw’isengesho, haba mu gihe uhagaze, wunamye, wubamye canke wicaye;

26:220

إِنَّهُۥ هُوَ ٱلسَّمِيعُ ٱلۡعَلِيمُ ﴿220﴾

Transliteration: Innahu huwa alssameeAAu alAAaleemu

Translation: Mu vy’ukuri Iyo Mana Allah, ni Yo Nyenukwumva, Irumva igisomwa, ininahaza n’itaziramana vyawe; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo ukora n’ivyo uzirikana.

26:221

هَلۡ أُنَبِّئُكُمۡ عَلَىٰ مَن تَنَزَّلُ ٱلشَّيَٰطِينُ ﴿221﴾

Transliteration: Hal onabbiokum AAala man tanazzalu alshshayateenu

Translation: Bantu! Mbega ndababwire uwururukirwa na shetani uwo ari we?

26:222

تَنَزَّلُ عَلَىٰ كُلِّ أَفَّاكٍ أَثِيمٖ ﴿222﴾

Transliteration: Tanazzalu AAala kulli affakin atheemin

Translation: Burya shetani, yururukira uwo wese yimonogoza mu kubesha, yuzuye ivyaha muri ba senyagara n’abapfumu;

26:223

يُلۡقُونَ ٱلسَّمۡعَ وَأَكۡثَرُهُمۡ كَٰذِبُونَ ﴿223﴾

Transliteration: Yulqoona alssamAAa waaktharuhum kathiboona

Translation: Amashetani araheza agasuma urusaku mu kwumviriza inkuru y’ibivugwa mu biremwa vyo mw'ijuru; maze agahereza nya nkuru ba senyagara n’abapfumu, kandi abenshi muri bo barabesha.

26:224

وَٱلشُّعَرَآءُ يَتَّبِعُهُمُ ٱلۡغَاوُۥنَ ﴿224﴾

Transliteration: WaalshshuAAarao yattabiAAuhumu alghawoona

Translation: Burya n’abivuzi b’amazina bashingira ku kinyoma n’ububeshi, maze abahuvye inzira na bo bakabakurikira;

26:225

أَلَمۡ تَرَ أَنَّهُمۡ فِي كُلِّ وَادٖ يَهِيمُونَ ﴿225﴾

Transliteration: Alam tara annahum fee kulli wadin yaheemoona

Translation: Ntumwa y’Imana! Ntiwabonye ko abivuzi b’amazina, bapfa ivyo bavuze batagira intumbero[11]; nk’intungwa yaciye ikiziriko itagira iyo iva n’iyo ija;

26:226

وَأَنَّهُمۡ يَقُولُونَ مَا لَا يَفۡعَلُونَ ﴿226﴾

Transliteration: Waannahum yaqooloona ma la yafAAaloona

Translation: N’uko bavuga ivyo batigera bakora, bakivuga abanyabinyoma, bagatyoza imvugakuri!

26:227

إِلَّا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّـٰلِحَٰتِ وَذَكَرُواْ ٱللَّهَ كَثِيرٗا وَٱنتَصَرُواْ مِنۢ بَعۡدِ مَا ظُلِمُواْۗ وَسَيَعۡلَمُ ٱلَّذِينَ ظَلَمُوٓاْ أَيَّ مُنقَلَبٖ يَنقَلِبُونَ ﴿227﴾

Transliteration: Illa allatheena amanoo waAAamiloo alssalihati wathakaroo Allaha katheeran waintasaroo min baAAdi ma thulimoo wasayaAAlamu allatheena thalamoo ayya munqalabin yanqaliboona

Translation: Havuyemwo gusa abivuzi b’amazina bemeye bakanakora n’ivyiza bitegetswe, bakananinahaza batazira cane Imana Allah, bagaheza rero bakivuga amazina mu guharanira ubwislamu[12] no kurwanira Intumwa y'Imana mu kwishura abivuzi b’amazina b’abagarariji. Abirenganije rero mw’ibangikanyamana[13], bazoteba bamenye ingaruka mbi cane zibarindiriye.

Transliteration source: English Transliteration by Tanzil. Used under Tanzil's non-commercial terms; see the source and latest updates at Tanzil. Tanzil translation download