ٱقۡتَرَبَتِ ٱلسَّاعَةُ وَٱنشَقَّ ٱلۡقَمَرُ ﴿1﴾ٱقۡتَرَبَتِ ٱلسَّاعَةُ وَٱنشَقَّ ٱلۡقَمَرُ
Transliteration: Iqtarabati alssaAAatu wainshaqqa alqamaru
Translation: Umuhero w’isi, vuba bwango ugiye gushika, n’ukwezi kwigabuyemwo kubiri[1];
ٱقۡتَرَبَتِ ٱلسَّاعَةُ وَٱنشَقَّ ٱلۡقَمَرُ ﴿1﴾ٱقۡتَرَبَتِ ٱلسَّاعَةُ وَٱنشَقَّ ٱلۡقَمَرُ
Transliteration: Iqtarabati alssaAAatu wainshaqqa alqamaru
Translation: Umuhero w’isi, vuba bwango ugiye gushika, n’ukwezi kwigabuyemwo kubiri[1];
وَإِن يَرَوۡاْ ءَايَةٗ يُعۡرِضُواْ وَيَقُولُواْ سِحۡرٞ مُّسۡتَمِرّٞ ﴿2﴾وَإِن يَرَوۡاْ ءَايَةٗ يُعۡرِضُواْ وَيَقُولُواْ سِحۡرٞ مُّسۡتَمِرّٞ
Transliteration: Wain yaraw ayatan yuAAridoo wayaqooloo sihrun mustamirrun
Translation: N’iyo ababangikanyamana babonye igitangaro cerekana ko Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ari Intumwa y’ukuri, barirengagiza kumwemera bakamwamirira kure, bakavuga bahakana bati: “Ico gitangaro, ni uburozi butamara kabiri”;
وَكَذَّبُواْ وَٱتَّبَعُوٓاْ أَهۡوَآءَهُمۡۚ وَكُلُّ أَمۡرٖ مُّسۡتَقِرّٞ ﴿3﴾وَكَذَّبُواْ وَٱتَّبَعُوٓاْ أَهۡوَآءَهُمۡۚ وَكُلُّ أَمۡرٖ مُّسۡتَقِرّٞ
Transliteration: Wakaththaboo waittabaAAoo ahwaahum wakullu amrin mustaqirrun
Translation: Barahakanye bivuye inyuma Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), maze bakurikira ubuhuvyi ku vyipfuzo vyabo. Uguhembwa ineza canke inabi ku vyakozwe n’ibiremwa rero, bitegerezwa kuba ku musi w’izuka, nta gisivya.
وَلَقَدۡ جَآءَهُم مِّنَ ٱلۡأَنۢبَآءِ مَا فِيهِ مُزۡدَجَرٌ ﴿4﴾وَلَقَدۡ جَآءَهُم مِّنَ ٱلۡأَنۢبَآءِ مَا فِيهِ مُزۡدَجَرٌ
Transliteration: Walaqad jaahum mina alanbai ma feehi muzdajarun
Translation: Abagarariji b’Abakorayishi, ni ukuri barashikiriwe n’inkuru z’ivyashikiye abigeze kugarariza Intumwa, maze ibashikira mu buryo bukwiye kandi butomoye kugira bavavanure n’igarariza.
حِكۡمَةُۢ بَٰلِغَةٞۖ فَمَا تُغۡنِ ٱلنُّذُرُ ﴿5﴾حِكۡمَةُۢ بَٰلِغَةٞۖ فَمَا تُغۡنِ ٱلنُّذُرُ
Transliteration: Hikmatun balighatun fama tughnee alnnuthuru
Translation: Iyi Qor’ani yabashikiriye, irimwo imvo n’imvano y’ingingo n’amabwirizwa vyotuma batumbera ukuri. None ni irihe gabishwa ryogira ico rimariye abantu birengagije bakamirira kure Qor’ani!
فَتَوَلَّ عَنۡهُمۡۘ يَوۡمَ يَدۡعُ ٱلدَّاعِ إِلَىٰ شَيۡءٖ نُّكُرٍ ﴿6﴾فَتَوَلَّ عَنۡهُمۡۘ يَوۡمَ يَدۡعُ ٱلدَّاعِ إِلَىٰ شَيۡءٖ نُّكُرٍ
Transliteration: Fatawalla AAanhum yawma yadAAu alddaAAi ila shayin nukurin
Translation: Ntumwa y’Imana! Birengagize maze ubarabishe amaso. Bihoze, ubarindire, ubatege umusi umuraritsi yavugije inzamba ararikira ibiremwa kuja ku kintu gihambaye koko, na co si ikindi, ni uguharurirwa ivyo vyakoze;
خُشَّعًا أَبۡصَٰرُهُمۡ يَخۡرُجُونَ مِنَ ٱلۡأَجۡدَاثِ كَأَنَّهُمۡ جَرَادٞ مُّنتَشِرٞ ﴿7﴾خُشَّعًا أَبۡصَٰرُهُمۡ يَخۡرُجُونَ مِنَ ٱلۡأَجۡدَاثِ كَأَنَّهُمۡ جَرَادٞ مُّنتَشِرٞ
Transliteration: KhushshaAAan absaruhum yakhrujoona mina alajdathi kaannahum jaradun muntashirun
Translation: Umusi, amaso yavyo azoba araba hasi ku guteterwa, bigayitse, bisokoroka biva mu kuzimu nka kurya kw’inzige zaraze zigashwiragirika zigakwira hose;
مُّهۡطِعِينَ إِلَى ٱلدَّاعِۖ يَقُولُ ٱلۡكَٰفِرُونَ هَٰذَا يَوۡمٌ عَسِرٞ ﴿8﴾مُّهۡطِعِينَ إِلَى ٱلدَّاعِۖ يَقُولُ ٱلۡكَٰفِرُونَ هَٰذَا يَوۡمٌ عَسِرٞ
Transliteration: MuhtiAAeena ila alddaAAi yaqoolu alkafiroona hatha yawmun AAasirun
Translation: Maze bigende binyaragasa ku co nya muraritsi abirarikiye, abagarariji bace bavuga bati: “Uwu musi ku ntureka zawo, uraremereye pe!”.
كَذَّبَتۡ قَبۡلَهُمۡ قَوۡمُ نُوحٖ فَكَذَّبُواْ عَبۡدَنَا وَقَالُواْ مَجۡنُونٞ وَٱزۡدُجِرَ ﴿9﴾۞كَذَّبَتۡ قَبۡلَهُمۡ قَوۡمُ نُوحٖ فَكَذَّبُواْ عَبۡدَنَا وَقَالُواْ مَجۡنُونٞ وَٱزۡدُجِرَ
Transliteration: Kaththabat qablahum qawmu noohin fakaththaboo AAabdana waqaloo majnoonun waizdujira
Translation: Ntumwa y’Imana! Aho hambere yabo, haragararije abantu ba Nuhu, baraheza barahakana bivuye inyuma Umuja wacu Nuhu, maze barinamura bavuga bati: “Nuhu, ni umusazi yakehewe n’ubwenge!”; baraheza baramwihaniza bamutega imisi.
فَدَعَا رَبَّهُۥٓ أَنِّي مَغۡلُوبٞ فَٱنتَصِرۡ ﴿10﴾فَدَعَا رَبَّهُۥٓ أَنِّي مَغۡلُوبٞ فَٱنتَصِرۡ
Transliteration: FadaAAa rabbahu annee maghloobun faintasir
Translation: Nuhu aca arasaba Imana yiwe Rurema Allah ati: “Jewe mu vy’ukuri, narengewe no guhangana na bo, ndagusavye rero ko Untabara mu kubahana”;
فَفَتَحۡنَآ أَبۡوَٰبَ ٱلسَّمَآءِ بِمَآءٖ مُّنۡهَمِرٖ ﴿11﴾فَفَتَحۡنَآ أَبۡوَٰبَ ٱلسَّمَآءِ بِمَآءٖ مُّنۡهَمِرٖ
Transliteration: Fafatahna abwaba alssamai bimain munhamirin
Translation: Duca Turamwumvira, maze Twugurura imihora y’amazi azanana mu kirere;
وَفَجَّرۡنَا ٱلۡأَرۡضَ عُيُونٗا فَٱلۡتَقَى ٱلۡمَآءُ عَلَىٰٓ أَمۡرٖ قَدۡ قُدِرَ ﴿12﴾وَفَجَّرۡنَا ٱلۡأَرۡضَ عُيُونٗا فَٱلۡتَقَى ٱلۡمَآءُ عَلَىٰٓ أَمۡرٖ قَدۡ قُدِرَ
Transliteration: Wafajjarna alarda AAuyoonan failtaqa almao AAala amrin qad qudira
Translation: Duca n’amariba y’amazi, imbizi idudubiza iva mu kuzimu, gutyo amazi azananye mu kirere ahurirana n’ay’imbizi, baca bahonera rimwe nk’uko vyari vyagezwe n’Imana Allah, baba akayazwe.
وَحَمَلۡنَٰهُ عَلَىٰ ذَاتِ أَلۡوَٰحٖ وَدُسُرٖ ﴿13﴾وَحَمَلۡنَٰهُ عَلَىٰ ذَاتِ أَلۡوَٰحٖ وَدُسُرٖ
Transliteration: Wahamalnahu AAala thati alwahin wadusurin
Translation: Ni ho rero Twarerura Nuhu hamwe n’abo bari kumwe mu bwato buhinguwe mu mbaho n’imisumari;
تَجۡرِي بِأَعۡيُنِنَا جَزَآءٗ لِّمَن كَانَ كُفِرَ ﴿14﴾تَجۡرِي بِأَعۡيُنِنَا جَزَآءٗ لِّمَن كَانَ كُفِرَ
Transliteration: Tajree biaAAyunina jazaan liman kana kufira
Translation: Bugenda bureremba aho Tubona n’amaso yacu, bucungerewe, gutyo Turokora Nuhu n’abari kumwe na we; abagarariji na bo Tubahonesha isegenya ry’akataraboneka, ku kubera ubugarariji bwabo.
وَلَقَد تَّرَكۡنَٰهَآ ءَايَةٗ فَهَلۡ مِن مُّدَّكِرٖ ﴿15﴾وَلَقَد تَّرَكۡنَٰهَآ ءَايَةٗ فَهَلۡ مِن مُّدَّكِرٖ
Transliteration: Walaqad taraknaha ayatan fahal min muddakirin
Translation: Ni ukuri, Twazigamye inkuru y’ivyashikiye Nuhu n’abantu biwe, kugira ibere abakurikiye mu nyuma, inkebuzo n’icemezo c’ubushobozi bwacu mu guhana ibigaba, ku wushaka kwibuka akikebuka. Mbega none, hoba hari uwibuka ngo yikebuke!
فَكَيۡفَ كَانَ عَذَابِي وَنُذُرِ ﴿16﴾فَكَيۡفَ كَانَ عَذَابِي وَنُذُرِ
Transliteration: Fakayfa kana AAathabee wanuthuri
Translation: Ehe raba rero ukuntu Nahanye abangararije bagahakana bivuye inyuma Intumwa zanje. Mbega none, ukubagabisha ku bihano vyanje, hari ico kwabashikanyeko atari uguhona!
وَلَقَدۡ يَسَّرۡنَا ٱلۡقُرۡءَانَ لِلذِّكۡرِ فَهَلۡ مِن مُّدَّكِرٖ ﴿17﴾وَلَقَدۡ يَسَّرۡنَا ٱلۡقُرۡءَانَ لِلذِّكۡرِ فَهَلۡ مِن مُّدَّكِرٖ
Transliteration: Walaqad yassarna alqurana lilththikri fahal min muddakirin
Translation: Ni ukuri, Twaranoroheje Qor’ani, mu kuntu isomwa, ukuntu ifatwa ku mutwe, hamwe rero n’ugutahurika kwayo ikanazigamwa, ku wushaka kwibuka akikebuka. Mbega none, hoba hari uwibuka ngo yikebuke[2]!
كَذَّبَتۡ عَادٞ فَكَيۡفَ كَانَ عَذَابِي وَنُذُرِ ﴿18﴾كَذَّبَتۡ عَادٞ فَكَيۡفَ كَانَ عَذَابِي وَنُذُرِ
Transliteration: Kaththabat AAadun fakayfa kana AAathabee wanuthuri
Translation: Bene Aadi barahakanye bivuye inyuma Huudi, Duca Turabahana. Ehe raba rero ukuntu Nahanye abangararije bagahakana bivuye inyuma Intumwa zanje! Mbega none, ukubagabisha ku bihano vyanje, hari ico kwabashikanyeko atari uguhona!
إِنَّآ أَرۡسَلۡنَا عَلَيۡهِمۡ رِيحٗا صَرۡصَرٗا فِي يَوۡمِ نَحۡسٖ مُّسۡتَمِرّٖ ﴿19﴾إِنَّآ أَرۡسَلۡنَا عَلَيۡهِمۡ رِيحٗا صَرۡصَرٗا فِي يَوۡمِ نَحۡسٖ مُّسۡتَمِرّٖ
Transliteration: Inna arsalna AAalayhim reehan sarsaran fee yawmi nahsin mustamirrin
Translation: Mu vy’ukuri, Twabarungikiye igihuhusi c’igikonyozi ku musi mubi w’ibihano vy’urutavanako, ata gahengwe;
تَنزِعُ ٱلنَّاسَ كَأَنَّهُمۡ أَعۡجَازُ نَخۡلٖ مُّنقَعِرٖ ﴿20﴾تَنزِعُ ٱلنَّاسَ كَأَنَّهُمۡ أَعۡجَازُ نَخۡلٖ مُّنقَعِرٖ
Transliteration: TanziAAu alnnasa kaannahum aAAjazu nakhlin munqaAAirin
Translation: Nya bihano vyarandurana n’imizi abantu bikabashikura, bikabajugunyira hariya, ibihimba vy’umubiri bigatandukana, umutwe ukwawo n’ibindi bihimba ukwavyo, bagasigara ari nka kurya kw’ibishitsi vy’ibiti vy’itende vyaranduwe.
فَكَيۡفَ كَانَ عَذَابِي وَنُذُرِ ﴿21﴾فَكَيۡفَ كَانَ عَذَابِي وَنُذُرِ
Transliteration: Fakayfa kana AAathabee wanuthuri
Translation: Ehe raba rero ukuntu Nahanye abangararije bakanahakana bivuye inyuma Intumwa zanje. Mbega none, ukubagabisha ku bihano vyanje, hari ico kwabashikanyeko atari uguhona!
وَلَقَدۡ يَسَّرۡنَا ٱلۡقُرۡءَانَ لِلذِّكۡرِ فَهَلۡ مِن مُّدَّكِرٖ ﴿22﴾وَلَقَدۡ يَسَّرۡنَا ٱلۡقُرۡءَانَ لِلذِّكۡرِ فَهَلۡ مِن مُّدَّكِرٖ
Transliteration: Walaqad yassarna alqurana lilththikri fahal min muddakirin
Translation: Ni ukuri, Twaranoroheje Qor’ani, mu kuntu isomwa, ukuntu ifatwa ku mutwe, hamwe rero n’ugutahurika kwayo ikanazigamwa, ku wushaka kwibuka akikebuka. Mbega none, hoba hari uwibuka ngo yikebuke!
كَذَّبَتۡ ثَمُودُ بِٱلنُّذُرِ ﴿23﴾كَذَّبَتۡ ثَمُودُ بِٱلنُّذُرِ
Transliteration: Kaththabat thamoodu bialnnuthuri
Translation: Bene Thamuudi barungikiwe Swalehe, barahakanye bivuye inyuma Aayah n’ivyemezo bagabishijweko;
فَقَالُوٓاْ أَبَشَرٗا مِّنَّا وَٰحِدٗا نَّتَّبِعُهُۥٓ إِنَّآ إِذٗا لَّفِي ضَلَٰلٖ وَسُعُرٍ ﴿24﴾فَقَالُوٓاْ أَبَشَرٗا مِّنَّا وَٰحِدٗا نَّتَّبِعُهُۥٓ إِنَّآ إِذٗا لَّفِي ضَلَٰلٖ وَسُعُرٍ
Transliteration: Faqaloo abasharan minna wahidan nattabiAAuhu inna ithan lafee dalalin wasuAAurin
Translation: Maze barinamura bavuga bati: “Bishoboka gute ko dukurikira umuntu umwe nkatwe ata n’ico yodukangisha, kandi ari twe turi benshi! Mu vy’ukuri, hamwe twomukurikira, ni ukuri twoba turi mu muzimagiza uri kure cane y’ukuri, mbere twoba turi n’abasazi!
أَءُلۡقِيَ ٱلذِّكۡرُ عَلَيۡهِ مِنۢ بَيۡنِنَا بَلۡ هُوَ كَذَّابٌ أَشِرٞ ﴿25﴾أَءُلۡقِيَ ٱلذِّكۡرُ عَلَيۡهِ مِنۢ بَيۡنِنَا بَلۡ هُوَ كَذَّابٌ أَشِرٞ
Transliteration: Aolqiya alththikru AAalayhi min baynina bal huwa kaththabun ashirun
Translation: Vyoshoboka gute, ko ari we gusa muri twese ahishurirwa agahabwa ubutumwa! Ahubwo rero we, ni umubeshi ruhebwa yishima”.
سَيَعۡلَمُونَ غَدٗا مَّنِ ٱلۡكَذَّابُ ٱلۡأَشِرُ ﴿26﴾سَيَعۡلَمُونَ غَدٗا مَّنِ ٱلۡكَذَّابُ ٱلۡأَشِرُ
Transliteration: SayaAAlamoona ghadan mani alkaththabu alashiru
Translation: Igihe bashikiwe n’ibihano vyo mu buzima bwo kw’isi n’ivyo mu bw’inyuma yo gupfa, bazoheza bamenye neza umubeshi ruhebwa yishima, n’uwutari we.
إِنَّا مُرۡسِلُواْ ٱلنَّاقَةِ فِتۡنَةٗ لَّهُمۡ فَٱرۡتَقِبۡهُمۡ وَٱصۡطَبِرۡ ﴿27﴾إِنَّا مُرۡسِلُواْ ٱلنَّاقَةِ فِتۡنَةٗ لَّهُمۡ فَٱرۡتَقِبۡهُمۡ وَٱصۡطَبِرۡ
Transliteration: Inna mursiloo alnnaqati fitnatan lahum fairtaqibhum waistabir
Translation: Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Tugira dukurire Bene Thamuudi mw’ibuye ingamiya basavye, kugira Tubagerageze. Swalehe! Rindira wewe gusa, uzokwirabira ibihano bizobashikira nibashishikara guhakana, ubandanye wihanganira ibangamira ryabo kw’irarikiramana ryawe;
وَنَبِّئۡهُمۡ أَنَّ ٱلۡمَآءَ قِسۡمَةُۢ بَيۡنَهُمۡۖ كُلُّ شِرۡبٖ مُّحۡتَضَرٞ ﴿28﴾وَنَبِّئۡهُمۡ أَنَّ ٱلۡمَآءَ قِسۡمَةُۢ بَيۡنَهُمۡۖ كُلُّ شِرۡبٖ مُّحۡتَضَرٞ
Transliteration: Wanabbihum anna almaa qismatun baynahum kullu shirbin muhtadarun
Translation: Bamenyeshe kandi ko amazi agabuwe kw’izamu hagati yabo n’iyo ngamiya. Bagenewe umusi umwe wo kuvoma, uwundi musi ukurikira na wo ugenewe ingamiya. Kizire ko hagira uwuvogerwa ku musi wiwe.
فَنَادَوۡاْ صَاحِبَهُمۡ فَتَعَاطَىٰ فَعَقَرَ ﴿29﴾فَنَادَوۡاْ صَاحِبَهُمۡ فَتَعَاطَىٰ فَعَقَرَ
Transliteration: Fanadaw sahibahum fataAAata faAAaqara
Translation: Ni ho rero Bene Thamuudi bahamagara mugenziwabo baramuryosharyosha ngo yice nya ngamiya, aca arayifata arayicumita arayikerera, baca barahanwa;
فَكَيۡفَ كَانَ عَذَابِي وَنُذُرِ ﴿30﴾فَكَيۡفَ كَانَ عَذَابِي وَنُذُرِ
Transliteration: Fakayfa kana AAathabee wanuthuri
Translation: Ehe raba rero ukuntu Nahanye abangararije bakanahakana bivuye inyuma Intumwa zanje. Mbega none, ukubagabisha ku bihano vyanje, hari ico kwabashikanyeko atari uguhona!
إِنَّآ أَرۡسَلۡنَا عَلَيۡهِمۡ صَيۡحَةٗ وَٰحِدَةٗ فَكَانُواْ كَهَشِيمِ ٱلۡمُحۡتَظِرِ ﴿31﴾إِنَّآ أَرۡسَلۡنَا عَلَيۡهِمۡ صَيۡحَةٗ وَٰحِدَةٗ فَكَانُواْ كَهَشِيمِ ٱلۡمُحۡتَظِرِ
Transliteration: Inna arsalna AAalayhim sayhatan wahidatan fakanoo kahasheemi almuhtathiri
Translation: Mu vy’ukuri mu kubahana, Twabarungikiye umumalayika Jibrili, maze akoma akaruru rimwe baca bahonera rimwe bose, baba nk’ivyatsi vyumye bivungagurika birunzwe mu ruhongore rw’ibitungwa.
وَلَقَدۡ يَسَّرۡنَا ٱلۡقُرۡءَانَ لِلذِّكۡرِ فَهَلۡ مِن مُّدَّكِرٖ ﴿32﴾وَلَقَدۡ يَسَّرۡنَا ٱلۡقُرۡءَانَ لِلذِّكۡرِ فَهَلۡ مِن مُّدَّكِرٖ
Transliteration: Walaqad yassarna alqurana lilththikri fahal min muddakirin
Translation: Ni ukuri, Twaranoroheje Qor’ani, mu kuntu isomwa, ukuntu ifatwa ku mutwe, hamwe rero n’ugutahurika kwayo ikanazigamwa, ku wushaka kwibuka akikebuka. Mbega none, hoba hari uwibuka ngo yikebuke!
كَذَّبَتۡ قَوۡمُ لُوطِۭ بِٱلنُّذُرِ ﴿33﴾كَذَّبَتۡ قَوۡمُ لُوطِۭ بِٱلنُّذُرِ
Transliteration: Kaththabat qawmu lootin bialnnuthuri
Translation: Abantu ba Luutwi, barahakanye bivuye inyuma Aayah n’ivyemezo bagabishijweko;
إِنَّآ أَرۡسَلۡنَا عَلَيۡهِمۡ حَاصِبًا إِلَّآ ءَالَ لُوطٖۖ نَّجَّيۡنَٰهُم بِسَحَرٖ ﴿34﴾إِنَّآ أَرۡسَلۡنَا عَلَيۡهِمۡ حَاصِبًا إِلَّآ ءَالَ لُوطٖۖ نَّجَّيۡنَٰهُم بِسَحَرٖ
Transliteration: Inna arsalna AAalayhim hasiban illa ala lootin najjaynahum bisaharin
Translation: Mu vy’ukuri, mu kubahana Twabarungikiye igihuhusi c’urubuye kirabahitana, kiretse umuryango wa Luutwi Twarokoye mu bihano mu bucagucagu;
نِّعۡمَةٗ مِّنۡ عِندِنَاۚ كَذَٰلِكَ نَجۡزِي مَن شَكَرَ ﴿35﴾نِّعۡمَةٗ مِّنۡ عِندِنَاۚ كَذَٰلِكَ نَجۡزِي مَن شَكَرَ
Transliteration: NiAAmatan min AAindina kathalika najzee man shakara
Translation: Ku nema y’impuhwe zacu Twagiriye nya muryango. Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twahemvye Luutwi n’umuryango wiwe Tukabarokora mu bihano - Duhemba uwutwemera akanashima inema zacu.
وَلَقَدۡ أَنذَرَهُم بَطۡشَتَنَا فَتَمَارَوۡاْ بِٱلنُّذُرِ ﴿36﴾وَلَقَدۡ أَنذَرَهُم بَطۡشَتَنَا فَتَمَارَوۡاْ بِٱلنُّذُرِ
Transliteration: Walaqad antharahum batshatana fatamaraw bialnnuthuri
Translation: Ni ukuri, Luutwi yaragabishije ku bihano vy’Imana Allah abo yarungitsweko. Ha kumwumvira, bivuye inyuma mu guhakana Aayah n’ivyemezo bagabishijweko;
وَلَقَدۡ رَٰوَدُوهُ عَن ضَيۡفِهِۦ فَطَمَسۡنَآ أَعۡيُنَهُمۡ فَذُوقُواْ عَذَابِي وَنُذُرِ ﴿37﴾وَلَقَدۡ رَٰوَدُوهُ عَن ضَيۡفِهِۦ فَطَمَسۡنَآ أَعۡيُنَهُمۡ فَذُوقُواْ عَذَابِي وَنُذُرِ
Transliteration: Walaqad rawadoohu AAan dayfihi fatamasna aAAyunahum fathooqoo AAathabee wanuthuri
Translation: Ni ukuri, baranamwinginze ngo abareke basambanye abamalayika baje kumugendera, maze Turabahumya amaso ntibashobora kubona n’umwe muri bo, baca babwirwa bati: “Nimuhonje rero ibihano vyanje n’ingaruka y’igabishwa ryanje mwashikirijwe na Luutwi (nyakugira amahoro y’Imana Allah)”.
وَلَقَدۡ صَبَّحَهُم بُكۡرَةً عَذَابٞ مُّسۡتَقِرّٞ ﴿38﴾وَلَقَدۡ صَبَّحَهُم بُكۡرَةً عَذَابٞ مُّسۡتَقِرّٞ
Transliteration: Walaqad sabbahahum bukratan AAathabun mustaqirrun
Translation: Ni ukuri, bazinduwe n’ibihano vyo mu bucagucagu vy’urutavanako, ata gahengwe;
فَذُوقُواْ عَذَابِي وَنُذُرِ ﴿39﴾فَذُوقُواْ عَذَابِي وَنُذُرِ
Transliteration: Fathooqoo AAathabee wanuthuri
Translation: Maze babwirwa bati: “Nimuhonje rero ibihano vyanje bitewe no kugarariza kwanyu, n’ingaruka y’igabishwa ryanje mwashikirijwe na Luutwi (nyakugira amahoro y’Imana Allah)”.
وَلَقَدۡ يَسَّرۡنَا ٱلۡقُرۡءَانَ لِلذِّكۡرِ فَهَلۡ مِن مُّدَّكِرٖ ﴿40﴾وَلَقَدۡ يَسَّرۡنَا ٱلۡقُرۡءَانَ لِلذِّكۡرِ فَهَلۡ مِن مُّدَّكِرٖ
Transliteration: Walaqad yassarna alqurana lilththikri fahal min muddakirin
Translation: Ni ukuri, Twaranoroheje Qor’ani, mu kuntu isomwa, ukuntu ifatwa ku mutwe, hamwe rero n’ugutahurika kwayo ikanazigamwa, ku wushaka kwibuka akikebuka. Mbega none, hoba hari uwibuka ngo yikebuke!
وَلَقَدۡ جَآءَ ءَالَ فِرۡعَوۡنَ ٱلنُّذُرُ ﴿41﴾وَلَقَدۡ جَآءَ ءَالَ فِرۡعَوۡنَ ٱلنُّذُرُ
Transliteration: Walaqad jaa ala firAAawna alnnuthuru
Translation: Ni ukuri abantu ba Firawuni, barashikiriwe na Aayah n’ivyemezo bibagabisha ku bihano vyacu;
كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَا كُلِّهَا فَأَخَذۡنَٰهُمۡ أَخۡذَ عَزِيزٖ مُّقۡتَدِرٍ ﴿42﴾كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَا كُلِّهَا فَأَخَذۡنَٰهُمۡ أَخۡذَ عَزِيزٖ مُّقۡتَدِرٍ
Transliteration: Kaththaboo biayatina kulliha faakhathnahum akhtha AAazeezin muqtadirin
Translation: Baraheza barahakana bivuye inyuma Aayah n’ivyemezo vyacu vyose vyerekana ko hari Imana Imwe Rudende Allah, bikerekana n’ukuri kw’Intumwa zacu, Duca Turabafata Turabahana uguhana kwa Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Mushoboravyose.
أَكُفَّارُكُمۡ خَيۡرٞ مِّنۡ أُوْلَـٰٓئِكُمۡ أَمۡ لَكُم بَرَآءَةٞ فِي ٱلزُّبُرِ ﴿43﴾أَكُفَّارُكُمۡ خَيۡرٞ مِّنۡ أُوْلَـٰٓئِكُمۡ أَمۡ لَكُم بَرَآءَةٞ فِي ٱلزُّبُرِ
Transliteration: Akuffarukum khayrun min olaikum am lakum baraatun fee alzzuburi
Translation: Bakorayishi! Abagarariji muri mwebwe, ni bo ntore rero gusumba abo Duhejeje kubiganira Twahoneje kubera ubugarariji bwabo! Canke mwoba mufise ubudahangarwa bwo kudahanwa n’Imana Allah bwanditswe mu Bitabu Yamanuye!
أَمۡ يَقُولُونَ نَحۡنُ جَمِيعٞ مُّنتَصِرٞ ﴿44﴾أَمۡ يَقُولُونَ نَحۡنُ جَمِيعٞ مُّنتَصِرٞ
Transliteration: Am yaqooloona nahnu jameeAAun muntasirun
Translation: Ahubwo rero, burya abagarariji b’i Makka, boba bihenda bakavuga bati: “Twebwe twese hamwe turamutse tugize urunani, turashobora gutsinda uwudushakira inabi tukamunesha!”.
سَيُهۡزَمُ ٱلۡجَمۡعُ وَيُوَلُّونَ ٱلدُّبُرَ ﴿45﴾سَيُهۡزَمُ ٱلۡجَمۡعُ وَيُوَلُّونَ ٱلدُّبُرَ
Transliteration: Sayuhzamu aljamAAu wayuwalloona alddubura
Translation: Bose hamwe mu runani rwabo, bazotsindwa baneshwe n’abemeramana, maze batungwe n’ayo bameze[3].
بَلِ ٱلسَّاعَةُ مَوۡعِدُهُمۡ وَٱلسَّاعَةُ أَدۡهَىٰ وَأَمَرُّ ﴿46﴾بَلِ ٱلسَّاعَةُ مَوۡعِدُهُمۡ وَٱلسَّاعَةُ أَدۡهَىٰ وَأَمَرُّ
Transliteration: Bali alssaAAatu mawAAiduhum waalssaAAatu adha waamarru
Translation: Mbere isango ryabo ryo guhanirwako, ni ku musi w’izuka; kandi ku musi w’izuka ryabo, bazohanwa bahashwe, maze bahabonere ayo imbwa yaboneye ku mugezi.
إِنَّ ٱلۡمُجۡرِمِينَ فِي ضَلَٰلٖ وَسُعُرٖ ﴿47﴾إِنَّ ٱلۡمُجۡرِمِينَ فِي ضَلَٰلٖ وَسُعُرٖ
Transliteration: Inna almujrimeena fee dalalin wasuAAurin
Translation: Mu vy’ukuri, abanyavyaha barenga ku mabwirizwa y’Imana Allah, bazoba bari mu muzimagiza uri kure cane y’ukuri no mu magorwa y’ibihano;
يَوۡمَ يُسۡحَبُونَ فِي ٱلنَّارِ عَلَىٰ وُجُوهِهِمۡ ذُوقُواْ مَسَّ سَقَرَ ﴿48﴾يَوۡمَ يُسۡحَبُونَ فِي ٱلنَّارِ عَلَىٰ وُجُوهِهِمۡ ذُوقُواْ مَسَّ سَقَرَ
Transliteration: Yawma yushaboona fee alnnari AAala wujoohihim thooqoo massa saqara
Translation: Umusi babururiwe mu muriro bubitse inda, maze bakabwirwa bati: “Nimuhonje rero ibihano bikaze vy’umuriro wa Jahannamu ubabura”.
إِنَّا كُلَّ شَيۡءٍ خَلَقۡنَٰهُ بِقَدَرٖ ﴿49﴾إِنَّا كُلَّ شَيۡءٍ خَلَقۡنَٰهُ بِقَدَرٖ
Transliteration: Inna kulla shayin khalaqnahu biqadarin
Translation: Mu vy’ukuri Twebwe Allah, ikintu cose Twakiremye ku rugero rwagezwe kandi ruzwi mu Gitabu nyezina canditswemwo ivyagezwe n’ishirwa mu ngiro ryavyo “Lawhu Mahfuudhw”.
وَمَآ أَمۡرُنَآ إِلَّا وَٰحِدَةٞ كَلَمۡحِۭ بِٱلۡبَصَرِ ﴿50﴾وَمَآ أَمۡرُنَآ إِلَّا وَٰحِدَةٞ كَلَمۡحِۭ بِٱلۡبَصَرِ
Transliteration: Wama amruna illa wahidatun kalamhin bialbasari
Translation: Twebwe Allah, nta tegeko ryacu Duha ikintu ico ari co cose Dushatse ko kiba, kiretse ko Tukibwira ijambo rimwe gusa Duti: “Ba”, kigaca kiba ubwo nyene mu kanya isase nk’ikoma ry’urugohe.
وَلَقَدۡ أَهۡلَكۡنَآ أَشۡيَاعَكُمۡ فَهَلۡ مِن مُّدَّكِرٖ ﴿51﴾وَلَقَدۡ أَهۡلَكۡنَآ أَشۡيَاعَكُمۡ فَهَلۡ مِن مُّدَّكِرٖ
Transliteration: Walaqad ahlakna ashyaAAakum fahal min muddakirin
Translation: Bagarariji! Ni ukuri, Twarahoneje mu bantu bo hambere, abari bateye nkamwe mu bugarariji. Mbega none, hoba hari uwibuka ukuntu bahonejwe ngo yikebuke!
وَكُلُّ شَيۡءٖ فَعَلُوهُ فِي ٱلزُّبُرِ ﴿52﴾وَكُلُّ شَيۡءٖ فَعَلُوهُ فِي ٱلزُّبُرِ
Transliteration: Wakullu shayin faAAaloohu fee alzzuburi
Translation: N’ivyo bagize vyose rero; vyaba ivyiza canke ibibi, biranditswe mu bitabu vy’abamalayika bajejwe kwandika ibikorwa vy’ibiremwa;
وَكُلُّ صَغِيرٖ وَكَبِيرٖ مُّسۡتَطَرٌ ﴿53﴾وَكُلُّ صَغِيرٖ وَكَبِيرٖ مُّسۡتَطَرٌ
Transliteration: Wakullu sagheerin wakabeerin mustatarun
Translation: N’ico ari co cose bikoze; caba gito canke kinini, kiranditswe, kandi bizogihemberwa.
إِنَّ ٱلۡمُتَّقِينَ فِي جَنَّـٰتٖ وَنَهَرٖ ﴿54﴾إِنَّ ٱلۡمُتَّقِينَ فِي جَنَّـٰتٖ وَنَهَرٖ
Transliteration: Inna almuttaqeena fee jannatin wanaharin
Translation: Mu vy’ukuri abagamburukiramana, bazoba bari mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, irimwo n’inzuzi zitemba;
فِي مَقۡعَدِ صِدۡقٍ عِندَ مَلِيكٖ مُّقۡتَدِرِۭ ﴿55﴾فِي مَقۡعَدِ صِدۡقٍ عِندَ مَلِيكٖ مُّقۡتَدِرِۭ
Transliteration: Fee maqAAadi sidqin AAinda maleekin muqtadirin
Translation: Bari mu cicaro c’ukuri kitigera kiyagirwamwo ibintu vy’imburakimazi, bari ku Mana Allah, Mwamiwabami, Rushoboravyose.
Transliteration source: English Transliteration by Tanzil. Used under Tanzil's non-commercial terms; see the source and latest updates at Tanzil. Tanzil translation download