quranm◉

Surah Al-Qalam transliteration

◉ Sura · ∞

68:1

نٓۚ وَٱلۡقَلَمِ وَمَا يَسۡطُرُونَ ﴿1﴾

Transliteration: Noon waalqalami wama yasturoona

Translation: Nuun[1]. Jewe Allah, Ndarahiye kw’ikaramu n’ivyo abamalayika n’abantu bayandikisha!

68:2

مَآ أَنتَ بِنِعۡمَةِ رَبِّكَ بِمَجۡنُونٖ ﴿2﴾

Transliteration: Ma anta biniAAmati rabbika bimajnoonin

Translation: Ko wewe Intumwa Muhamadi, utari umusazi namba kubera inema wahawe n’Imana yawe Rurema Allah mu kukugira Intumwa!

68:3

وَإِنَّ لَكَ لَأَجۡرًا غَيۡرَ مَمۡنُونٖ ﴿3﴾

Transliteration: Wainna laka laajran ghayra mamnoonin

Translation: Mu vy’ukuri, nta nkeka urafise impembo idahera kubera ko wihanganira ishikirizabutumwa;

68:4

وَإِنَّكَ لَعَلَىٰ خُلُقٍ عَظِيمٖ ﴿4﴾

Transliteration: Wainnaka laAAala khuluqin AAatheemin

Translation: Kandi nta nkeka ko wewe uri ku ngeso nziza cane zishimangirwa na Qor’ani.

68:5

فَسَتُبۡصِرُ وَيُبۡصِرُونَ ﴿5﴾

Transliteration: Fasatubsiru wayubsiroona

Translation: Mu gihe kitari kirekire rero uzobona, kandi abagarariji na bo nyene bazobona;

68:6

بِأَييِّكُمُ ٱلۡمَفۡتُونُ ﴿6﴾

Transliteration: Biayyikumu almaftoonu

Translation: Umusazi muri mwebwe uwo ari we.

68:7

إِنَّ رَبَّكَ هُوَ أَعۡلَمُ بِمَن ضَلَّ عَن سَبِيلِهِۦ وَهُوَ أَعۡلَمُ بِٱلۡمُهۡتَدِينَ ﴿7﴾

Transliteration: Inna rabbaka huwa aAAlamu biman dalla AAan sabeelihi wahuwa aAAlamu bialmuhtadeena

Translation: Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni Yo Izi neza na neza uwahuvye inzira yayo y’ukuri. Ni na Yo Izi neza na neza abagororotsi.

68:8

فَلَا تُطِعِ ٱلۡمُكَذِّبِينَ ﴿8﴾

Transliteration: Fala tutiAAi almukaththibeena

Translation: Ntumwa y’Imana! Ntukagamburukire rero na gato abahakanyi, kuko bari mu muzimagiza.

68:9

وَدُّواْ لَوۡ تُدۡهِنُ فَيُدۡهِنُونَ ﴿9﴾

Transliteration: Waddoo law tudhinu fayudhinoona

Translation: Baripfuje cane ko woborohera, maze na bo bagaheza bakakworohera.

68:10

وَلَا تُطِعۡ كُلَّ حَلَّافٖ مَّهِينٍ ﴿10﴾

Transliteration: Wala tutiAA kulla hallafin maheenin

Translation: Ntumwa y’Imana! Ntukumvire uwo wese akunda kurahira kenshi, asuzuguritse;

68:11

هَمَّازٖ مَّشَّآءِۭ بِنَمِيمٖ ﴿11﴾

Transliteration: Hammazin mashshain binameemin

Translation: Akunda kwandagaza abantu, gateranya;

68:12

مَّنَّاعٖ لِّلۡخَيۡرِ مُعۡتَدٍ أَثِيمٍ ﴿12﴾

Transliteration: MannaAAin lilkhayri muAAtadin atheemin

Translation: Ingumyi idatanga ku bw’Imana Allah, ikanabuza abandi gukora iciza, yigenza ku bantu ikanarenga ku mabwirizwa, yuzuye ivyaha;

68:13

عُتُلِّۭ بَعۡدَ ذَٰلِكَ زَنِيمٍ ﴿13﴾

Transliteration: AAutullin baAAda thalika zaneemin

Translation: Inshirwarimenetse mu buhakanyi, Turetse n’ivyo vyose, ni n’umuzanano;

68:14

أَن كَانَ ذَا مَالٖ وَبَنِينَ ﴿14﴾

Transliteration: An kana tha malin wabaneena

Translation: Mbe none yoba akora ivyo, yitwaza ko afise amatungo n’abana benshi!

68:15

إِذَا تُتۡلَىٰ عَلَيۡهِ ءَايَٰتُنَا قَالَ أَسَٰطِيرُ ٱلۡأَوَّلِينَ ﴿15﴾

Transliteration: Itha tutla AAalayhi ayatuna qala asateeru alawwaleena

Translation: Bigatuma iyo asomewe Aayah zacu za Qor’ani, azihakana yivuye inyuma, agashoka avuga ati: “Qor'ani, ni imigani n’ibitito vy’ab’aho hambere[2].

68:16

سَنَسِمُهُۥ عَلَى ٱلۡخُرۡطُومِ ﴿16﴾

Transliteration: Sanasimuhu AAala alkhurtoomi

Translation: Tuzomushirako inkovu ku zuru ryiwe, maze yame imutera isoni mu maso y’abantu.

68:17

إِنَّا بَلَوۡنَٰهُمۡ كَمَا بَلَوۡنَآ أَصۡحَٰبَ ٱلۡجَنَّةِ إِذۡ أَقۡسَمُواْ لَيَصۡرِمُنَّهَا مُصۡبِحِينَ ﴿17﴾

Transliteration: Inna balawnahum kama balawna ashaba aljannati ith aqsamoo layasrimunnaha musbiheena

Translation: Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twaragerageje ababangikanyamana b’i Makka mu kubatera amapfa; nk’uko Twagerageje benumurima, igihe barahira bakarengwa ko bategerezwa gusoroma umurima wabo mu gaturuturu, kugira ntihagire umworo n’umwe agira ico aronkako;

68:18

وَلَا يَسۡتَثۡنُونَ ﴿18﴾

Transliteration: Wala yastathnoona

Translation: Maze ntibashaka kubikesha Imana Allah mu kuvuga bati: “In shaa Allah" (Imana Allah niyabishaka).

68:19

فَطَافَ عَلَيۡهَا طَآئِفٞ مِّن رَّبِّكَ وَهُمۡ نَآئِمُونَ ﴿19﴾

Transliteration: Fatafa AAalayha taifun min rabbika wahum naimoona

Translation: Ntivyatevye rero, ibihano vy’Imana yawe Rurema Allah, bishikira nya murima bakiryamye;

68:20

فَأَصۡبَحَتۡ كَٱلصَّرِيمِ ﴿20﴾

Transliteration: Faasbahat kaalssareemi

Translation: Maze urasha uratokombera, usigara wirabura tsiritsiri nk’umwijima w’ijoro.

68:21

فَتَنَادَوۡاْ مُصۡبِحِينَ ﴿21﴾

Transliteration: Fatanadaw musbiheena

Translation: Bumaze guca, baciye bahamagarana;

68:22

أَنِ ٱغۡدُواْ عَلَىٰ حَرۡثِكُمۡ إِن كُنتُمۡ صَٰرِمِينَ ﴿22﴾

Transliteration: Ani ighdoo AAala harthikum in kuntum sarimeena

Translation: Bati: “Nimuzinduke mu gaturuturu muje mu murima wanyu nimwaba mushaka gusarura”.

68:23

فَٱنطَلَقُواْ وَهُمۡ يَتَخَٰفَتُونَ ﴿23﴾

Transliteration: Faintalaqoo wahum yatakhafatoona

Translation: Baca baragenda bongorerana;

68:24

أَن لَّا يَدۡخُلَنَّهَا ٱلۡيَوۡمَ عَلَيۡكُم مِّسۡكِينٞ ﴿24﴾

Transliteration: An la yadkhulannaha alyawma AAalaykum miskeenun

Translation: Bati: “Uno musi, ntihagire umworo n’umwe abinjirana mu murima”.

68:25

وَغَدَوۡاْ عَلَىٰ حَرۡدٖ قَٰدِرِينَ ﴿25﴾

Transliteration: Waghadaw AAala hardin qadireena

Translation: Ni uko rero, bahengera mu gaturuturu baragenda, bazi neza ko basarura ata mworo n’umwe bahayeko.

68:26

فَلَمَّا رَأَوۡهَا قَالُوٓاْ إِنَّا لَضَآلُّونَ ﴿26﴾

Transliteration: Falamma raawha qaloo inna ladalloona

Translation: Bamaze kubona nya murima wahiye, baciye bavuga n'agahinda n'akantu bati: “Nta nkeka ko twazimiye inzira”;

68:27

بَلۡ نَحۡنُ مَحۡرُومُونَ ﴿27﴾

Transliteration: Bal nahnu mahroomoona

Translation: Bamaze kumenya neza na neza ko ari wa murima wabo wahiye, barisubiyeko bati: “Ahubwo nyabuna twebwe, twavyatswe kubera umuzirikanyi wacu mubi”;

68:28

قَالَ أَوۡسَطُهُمۡ أَلَمۡ أَقُل لَّكُمۡ لَوۡلَا تُسَبِّحُونَ ﴿28﴾

Transliteration: Qala awsatuhum alam aqul lakum lawla tusabbihoona

Translation: Umugororotsi muri bo, aca avuga ati: “Mbega yemwe! Sinari nababwiye ko mwobikesha Imana Allah, mukayininahaza mu kuvuga muti: “In shaa Allah" (Imana Allah niyabishaka)!

68:29

قَالُواْ سُبۡحَٰنَ رَبِّنَآ إِنَّا كُنَّا ظَٰلِمِينَ ﴿29﴾

Transliteration: Qaloo subhana rabbina inna kunna thalimeena

Translation: Bamaze kwikebuka baciye bishura bati: “Ininahazwa, ni iry’Imana yacu Rurema Allah. Mu vy’ukuri, twari twirenganije mu kutabikesha Imana Allah, no mu kuzirikana kudaha aboro imperezwa”.

68:30

فَأَقۡبَلَ بَعۡضُهُمۡ عَلَىٰ بَعۡضٖ يَتَلَٰوَمُونَ ﴿30﴾

Transliteration: Faaqbala baAAduhum AAala baAAdin yatalawamoona

Translation: Ni ho rero baca batangura gutanako umwikomo;

68:31

قَالُواْ يَٰوَيۡلَنَآ إِنَّا كُنَّا طَٰغِينَ ﴿31﴾

Transliteration: Qaloo ya waylana inna kunna tagheena

Translation: Bavuga bati: “Turahonye yemwe! Mu vy’ukuri, twari twarenze kw’ibwirizwa ry’Imana Allah mu kudaha aboro imperezwa;

68:32

عَسَىٰ رَبُّنَآ أَن يُبۡدِلَنَا خَيۡرٗا مِّنۡهَآ إِنَّآ إِلَىٰ رَبِّنَا رَٰغِبُونَ ﴿32﴾

Transliteration: AAasa rabbuna an yubdilana khayran minha inna ila rabbina raghiboona

Translation: Kumbure Imana yacu Rurema Allah, Izodushumbusha Iduhe ibisumba umurima kuko twamaze kwigaya. Mu vy’ukuri, turitonesheje ku Mana yacu Rurema Allah".

68:33

كَذَٰلِكَ ٱلۡعَذَابُۖ وَلَعَذَابُ ٱلۡأٓخِرَةِ أَكۡبَرُۚ لَوۡ كَانُواْ يَعۡلَمُونَ ﴿33﴾

Transliteration: Kathalika alAAathabu walaAAathabu alakhirati akbaru law kanoo yaAAlamoona

Translation: Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twahanye benumurima - Duhana abarenga ku mabwirizwa y’Imana Allah. Nta nkeka rero ko n’ibihano vyo mu buzima bw’inyuma yo gupfa, bihambaye cane gusumba ivyo kw’isi. Iyo abantu babimenya rero, bokwihanye kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.

68:34

إِنَّ لِلۡمُتَّقِينَ عِندَ رَبِّهِمۡ جَنَّـٰتِ ٱلنَّعِيمِ ﴿34﴾

Transliteration: Inna lilmuttaqeena AAinda rabbihim jannati alnnaAAeemi

Translation: Mu vy’ukuri, abatinya ibihano vy'Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, barategekanirijwe ku Mana yabo Rurema Allah, Ubwami bw’ijuru bwuzuyemwo inema.

68:35

أَفَنَجۡعَلُ ٱلۡمُسۡلِمِينَ كَٱلۡمُجۡرِمِينَ ﴿35﴾

Transliteration: AfanajAAalu almuslimeena kaalmujrimeena

Translation: Mbega none, Twofata abislamu bicisha bugufi mu kwumvira Imana Allah nk’abahakanyi mu ndishi!

68:36

مَا لَكُمۡ كَيۡفَ تَحۡكُمُونَ ﴿36﴾

Transliteration: Ma lakum kayfa tahkumoona

Translation: Mbega bantu! Mwafashwe n’ibiki? Ko muca iza ngondagonde mu kubanganisha mu ndishi!

68:37

أَمۡ لَكُمۡ كِتَٰبٞ فِيهِ تَدۡرُسُونَ ﴿37﴾

Transliteration: Am lakum kitabun feehi tadrusoona

Translation: Canke mwoba mufise igitabu mwamanuriwe, musomamwo ko umugamburukiramana yofatwa nk’ikigaba mu ndishi!

68:38

إِنَّ لَكُمۡ فِيهِ لَمَا تَخَيَّرُونَ ﴿38﴾

Transliteration: Inna lakum feehi lama takhayyaroona

Translation: Mu vy’ukuri muri ico gihe, mwoba mufise ivyo mwihitiramwo muri nya gitabu bivuye ku vyipfuzo vyanyu.

68:39

أَمۡ لَكُمۡ أَيۡمَٰنٌ عَلَيۡنَا بَٰلِغَةٌ إِلَىٰ يَوۡمِ ٱلۡقِيَٰمَةِ إِنَّ لَكُمۡ لَمَا تَحۡكُمُونَ ﴿39﴾

Transliteration: Am lakum aymanun AAalayna balighatun ila yawmi alqiyamati inna lakum lama tahkumoona

Translation: Canke mwoba mufitaniye amasezerano na Twebwe Allah, azokwamaho kugeza ku musi w’imperuka, ko muzoronka Ubwami bw’ijuru nk’uko mwipfuza!

68:40

سَلۡهُمۡ أَيُّهُم بِذَٰلِكَ زَعِيمٌ ﴿40﴾

Transliteration: Salhum ayyuhum bithalika zaAAeemun

Translation: Ntumwa y’Imana! Baza ababangikanyamana uwoba muri bo yishinze ko azobashikana mu Bwami bw’ijuru nk’abicisha bugufi ku Mana Allah!”;

68:41

أَمۡ لَهُمۡ شُرَكَآءُ فَلۡيَأۡتُواْ بِشُرَكَآئِهِمۡ إِن كَانُواْ صَٰدِقِينَ ﴿41﴾

Transliteration: Am lahum shurakao falyatoo bishurakaihim in kanoo sadiqeena

Translation: Canke boba bafise abafasha babangikanije n’Imana Allah, bazobashikana muri nya Bwami bw’ijuru! Enda nyabuna rero, nibabazane nibaba ari imvugakuri mu vyo bipfuza;

68:42

يَوۡمَ يُكۡشَفُ عَن سَاقٖ وَيُدۡعَوۡنَ إِلَى ٱلسُّجُودِ فَلَا يَسۡتَطِيعُونَ ﴿42﴾

Transliteration: Yawma yukshafu AAan saqin wayudAAawna ila alssujoodi fala yastateeAAoona

Translation: Ku musi hazoba hari intureka z’akataraboneka, maze Imana Allah Igaseruka gutunganiriza ibiremwa, Igaheza Ikagaragaza umurundi wayo mutagatifu[3] utagira na kimwe bisa mu biremwa, maze ibiremwa bigahamagarirwa kwubamira Uhoraho Allah, ibiremwa bitigeze vyubamira Imana Allah kw'isi, nta vyo bizoshobora ngo vyubame;

68:43

خَٰشِعَةً أَبۡصَٰرُهُمۡ تَرۡهَقُهُمۡ ذِلَّةٞۖ وَقَدۡ كَانُواْ يُدۡعَوۡنَ إِلَى ٱلسُّجُودِ وَهُمۡ سَٰلِمُونَ ﴿43﴾

Transliteration: KhashiAAatan absaruhum tarhaquhum thillatun waqad kanoo yudAAawna ila alssujoodi wahum salimoona

Translation: Amaso y’ibiremwa azoba araba hasi bidashoboye kuyunamura, vyugarijwe no guteterwa ku bihano vy’uwo musi. Mu vy’ukuri, vyahora bihamagarirwa kwubamira no kwiyegereza Imana Allah kw’isi mu gihe vyari bikomeye, bibishoboye, ariko ntivyigeze bigamburuka ngo biyubamire.

68:44

فَذَرۡنِي وَمَن يُكَذِّبُ بِهَٰذَا ٱلۡحَدِيثِۖ سَنَسۡتَدۡرِجُهُم مِّنۡ حَيۡثُ لَا يَعۡلَمُونَ ﴿44﴾

Transliteration: Fatharnee waman yukaththibu bihatha alhadeethi sanastadrijuhum min haythu la yaAAlamoona

Translation: Ntumwa y’Imana! Ndekera abahakana iyi Qor’ani, Nzobihanira. Twebwe Allah, Tuzobashira mu bihano bukebuke mu kubaronsa amatungo n’ibibondo, mu buryo batazi ko ari kwo guhanwa;

68:45

وَأُمۡلِي لَهُمۡۚ إِنَّ كَيۡدِي مَتِينٌ ﴿45﴾

Transliteration: Waomlee lahum inna kaydee mateenun

Translation: Nzoheza rero Jewe Allah, Ndabahe no kuramba ntihutira kubahana, kugira barendegere mu bicumuro. Mu vy’ukuri, ihinyura ryanje gushika aho ndabacakira, rirahambaye cane.

68:46

أَمۡ تَسۡـَٔلُهُمۡ أَجۡرٗا فَهُم مِّن مَّغۡرَمٖ مُّثۡقَلُونَ ﴿46﴾

Transliteration: Am tasaluhum ajran fahum min maghramin muthqaloona

Translation: Ntumwa y’Imana! Canke woba usaba ababangikanyamana impembo y’ivy’isi kw’ishikirizabutumwa ryawe, ku buryo baremerwa n’iyo mpembo!

68:47

أَمۡ عِندَهُمُ ٱلۡغَيۡبُ فَهُمۡ يَكۡتُبُونَ ﴿47﴾

Transliteration: Am AAindahumu alghaybu fahum yaktuboona

Translation: Canke boba bazi ibinyegejwe ibiremwa, bagaheza bakandika bakavyisunga mu gushinga ingingo yuko ari bo ntore gusumba abemeramana!

68:48

فَٱصۡبِرۡ لِحُكۡمِ رَبِّكَ وَلَا تَكُن كَصَاحِبِ ٱلۡحُوتِ إِذۡ نَادَىٰ وَهُوَ مَكۡظُومٞ ﴿48﴾

Transliteration: Faisbir lihukmi rabbika wala takun kasahibi alhooti ith nada wahuwa makthoomun

Translation: Ntumwa y’Imana! Tenyenya rero gato, urindire ubutungane bw’Imana yawe Rurema Allah, kandi ntiwihute ngo ube nk’Intumwa Yunusu mwene Matta (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yatamiwe n’ifi amahanga, igihe yatwarwa n’agashavu, ikananirwa kwihangana, igaheza igatabaza n’ishavu n’agahinda Imana yayo Rurema Allah ko Yokwihutira guhana abagarariji;

68:49

لَّوۡلَآ أَن تَدَٰرَكَهُۥ نِعۡمَةٞ مِّن رَّبِّهِۦ لَنُبِذَ بِٱلۡعَرَآءِ وَهُوَ مَذۡمُومٞ ﴿49﴾

Transliteration: Lawla an tadarakahu niAAmatun min rabbihi lanubitha bialAAarai wahuwa mathmoomun

Translation: Iyo itagarukirwa n’impuhwe z’Imana yayo Rurema Allah, Ikayishoboza ukwigaya, nta nkeka ko yari gutabwa kw’isi y’ubugaragwa igahona, ifitiwe umwikomo n’Imana Allah;

68:50

فَٱجۡتَبَٰهُ رَبُّهُۥ فَجَعَلَهُۥ مِنَ ٱلصَّـٰلِحِينَ ﴿50﴾

Transliteration: Faijtabahu rabbuhu fajaAAalahu mina alssaliheena

Translation: Ni ho rero Imana yayo Rurema Allah Yayitora kandi Iyituma ku bantu bayo, Iyishira no mu beranda.

68:51

وَإِن يَكَادُ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ لَيُزۡلِقُونَكَ بِأَبۡصَٰرِهِمۡ لَمَّا سَمِعُواْ ٱلذِّكۡرَ وَيَقُولُونَ إِنَّهُۥ لَمَجۡنُونٞ ﴿51﴾

Transliteration: Wain yakadu allatheena kafaroo layuzliqoonaka biabsarihim lamma samiAAoo alththikra wayaqooloona innahu lamajnoonun

Translation: Ntumwa y’Imana! Abagararije, iyo bumvise uriko urasoma Qor’ani, barakuraba ijisho ribi rihakwa kugutura hasi ku kuntu bakwanka, maze kubera urwo rwanko bagufitiye, bagaca bavuga n'ishari n'akantu bati: “Vy’ukuri, ni umusazi”.

68:52

وَمَا هُوَ إِلَّا ذِكۡرٞ لِّلۡعَٰلَمِينَ ﴿52﴾

Transliteration: Wama huwa illa thikrun lilAAalameena

Translation: Iyo Qor’ani si ikindi rero, kiretse ko ari urwibutso n’inyigisho ku biremwa vyose (Amajini n’abantu).

Transliteration source: English Transliteration by Tanzil. Used under Tanzil's non-commercial terms; see the source and latest updates at Tanzil. Tanzil translation download