quranm◉

Surah Al-Insan transliteration

◉ Sura · ∞

76:1

هَلۡ أَتَىٰ عَلَى ٱلۡإِنسَٰنِ حِينٞ مِّنَ ٱلدَّهۡرِ لَمۡ يَكُن شَيۡـٔٗا مَّذۡكُورًا ﴿1﴾

Transliteration: Hal ata AAala alinsani heenun mina alddahri lam yakun shayan mathkooran

Translation: Mu vy’ukuri, haraciye igihe kirekire ku muntu atarahuhirwamwo inkomoko y’ubuzima "Roho", ntiyari bwabe ikintu kivugwa.

76:2

إِنَّا خَلَقۡنَا ٱلۡإِنسَٰنَ مِن نُّطۡفَةٍ أَمۡشَاجٖ نَّبۡتَلِيهِ فَجَعَلۡنَٰهُ سَمِيعَۢا بَصِيرًا ﴿2﴾

Transliteration: Inna khalaqna alinsana min nutfatin amshajin nabtaleehi fajaAAalnahu sameeAAan baseeran

Translation: Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twaremye umuntu mu ntanga zivanze (iz’umugabo n’iz’umugore), kugira Tuzomugerageze mu kwubahiriza amabwirizwa, Turaheza Tumugira uwumva, abona, kugira azobazwe ku co yumvise no ku co yabonye.

76:3

إِنَّا هَدَيۡنَٰهُ ٱلسَّبِيلَ إِمَّا شَاكِرٗا وَإِمَّا كَفُورًا ﴿3﴾

Transliteration: Inna hadaynahu alssabeela imma shakiran waimma kafooran

Translation: Mu vy’ukuri, Twaramumenyesheje Turanamutomorera inzira y’ubugororotsi n’iy’ubuhuvyi, iy’ivyiza n’iy’ibibi. Kubera ivyo rero, ashobora guhitamwo kwemera Imana Allah, agashima ivyiza Yamuhaye, canke akagarariza Iyamuremye, agahakana inema zayo.

76:4

إِنَّآ أَعۡتَدۡنَا لِلۡكَٰفِرِينَ سَلَٰسِلَاْ وَأَغۡلَٰلٗا وَسَعِيرًا ﴿4﴾

Transliteration: Inna aAAtadna lilkafireena salasila waaghlalan wasaAAeeran

Translation: Mu vy’ukuri, Twarateguriye abagarariji amapingu bazoboheshwa ku maguru, hamwe n’iminyororo bazoboheshwa amaboko yabo mw’izosi, Twarabateguriye n’umuriro wama wegenyejwe.

76:5

إِنَّ ٱلۡأَبۡرَارَ يَشۡرَبُونَ مِن كَأۡسٖ كَانَ مِزَاجُهَا كَافُورًا ﴿5﴾

Transliteration: Inna alabrara yashraboona min kasin kana mizajuha kafooran

Translation: Mu vy’ukuri aberanda bagamburukira Imana Allah, bazonywa mu Bwami bw’ijuru inzoga itaboreza ivanzwe na “Kaafuuri[1]”.

76:6

عَيۡنٗا يَشۡرَبُ بِهَا عِبَادُ ٱللَّهِ يُفَجِّرُونَهَا تَفۡجِيرٗا ﴿6﴾

Transliteration: AAaynan yashrabu biha AAibadu Allahi yufajjiroonaha tafjeeran

Translation: Ivyo binyobwa, ni iriba riri mu Bwami bw’ijuru, aho abaja b’Imana Allah bicisha bugufi bazonywera, bazoricira inzira baritumbereze aho bashaka;

76:7

يُوفُونَ بِٱلنَّذۡرِ وَيَخَافُونَ يَوۡمٗا كَانَ شَرُّهُۥ مُسۡتَطِيرٗا ﴿7﴾

Transliteration: Yoofoona bialnnathri wayakhafoona yawman kana sharruhu mustateeran

Translation: Bakiri kw’isi rero, barubahiriza ivyo biyemeje “nadhri” bakabishira mu ngiro, bagatinya n'ibihano vyo ku musi, ivyago vyawo bizoba bihambaye, vyugarije hose;

76:8

وَيُطۡعِمُونَ ٱلطَّعَامَ عَلَىٰ حُبِّهِۦ مِسۡكِينٗا وَيَتِيمٗا وَأَسِيرًا ﴿8﴾

Transliteration: WayutAAimona alttaAAama AAala hubbihi miskeenan wayateeman waaseeran

Translation: Bakanafungurira n’umukene, impfuvyi n’imbohe, mu gihe na bo nyene bakunda izo mfungurwa kandi banazikeneye;

76:9

إِنَّمَا نُطۡعِمُكُمۡ لِوَجۡهِ ٱللَّهِ لَا نُرِيدُ مِنكُمۡ جَزَآءٗ وَلَا شُكُورًا ﴿9﴾

Transliteration: Innama nutAAimukum liwajhi Allahi la nureedu minkum jazaan wala shukooran

Translation: Mu mitima yabo bakavuga bati: “Ni ukuri, Tubafunguriye ku bw’Imana Allah turondera indishi zayo, ntitubaronderako namba impembo canke gushimwa;

76:10

إِنَّا نَخَافُ مِن رَّبِّنَا يَوۡمًا عَبُوسٗا قَمۡطَرِيرٗا ﴿10﴾

Transliteration: Inna nakhafu min rabbina yawman AAaboosan qamtareeran

Translation: Mu vy’ukuri, dutinya ibihano bivuye ku Mana yacu Rurema Allah, umusi umuntu azokwijirirwa mu maso n’iminkanyari myinshi, kubera intureka z’akataraboneka”.

76:11

فَوَقَىٰهُمُ ٱللَّهُ شَرَّ ذَٰلِكَ ٱلۡيَوۡمِ وَلَقَّىٰهُمۡ نَضۡرَةٗ وَسُرُورٗا ﴿11﴾

Transliteration: Fawaqahumu Allahu sharra thalika alyawmi walaqqahum nadratan wasurooran

Translation: Abo rero, Imana Allah Izobakingira intureka z’ibihano vy’uwo musi, Yongere Ibasayanganishe mu maso, Ibahe n’akamwemwe ku kandi ku mutima;

76:12

وَجَزَىٰهُم بِمَا صَبَرُواْ جَنَّةٗ وَحَرِيرٗا ﴿12﴾

Transliteration: Wajazahum bima sabaroo jannatan wahareeran

Translation: Imana Allah Izonabahembera ukuntu bihanganye kw’isi, Ibahe Ubwami bw’ijuru n’impuzu z’iharire yoroshe;

76:13

مُّتَّكِـِٔينَ فِيهَا عَلَى ٱلۡأَرَآئِكِۖ لَا يَرَوۡنَ فِيهَا شَمۡسٗا وَلَا زَمۡهَرِيرٗا ﴿13﴾

Transliteration: Muttakieena feeha AAala alaraiki la yarawna feeha shamsan wala zamhareeran

Translation: Bazoba bicaye ku bitanda vy'iteka bisharije, biteye igomwe, akayaga keza kabaca irya n’ino, ntibazokwumva ubushuhe bw’izuba canke igikonyozi vy’umurengera;

76:14

وَدَانِيَةً عَلَيۡهِمۡ ظِلَٰلُهَا وَذُلِّلَتۡ قُطُوفُهَا تَذۡلِيلٗا ﴿14﴾

Transliteration: Wadaniyatan AAalayhim thilaluha wathullilat qutoofuha tathleelan

Translation: Bazoba bari mu gatutu k’ibiti vy’aho kari hafi, ivyamwa vya nya biti bizoba vyoroshe kwamura.

76:15

وَيُطَافُ عَلَيۡهِم بِـَٔانِيَةٖ مِّن فِضَّةٖ وَأَكۡوَابٖ كَانَتۡ قَوَارِيرَا۠ ﴿15﴾

Transliteration: Wayutafu AAalayhim bianiyatin min fiddatin waakwabin kanat qawareera

Translation: Bazohabwa n’abakozi babahereza ku masahani no mu birahuri vy’umwakaka;

76:16

قَوَارِيرَاْ مِن فِضَّةٖ قَدَّرُوهَا تَقۡدِيرٗا ﴿16﴾

Transliteration: Qawareera min fiddatin qaddarooha taqdeeran

Translation: Ibirahuri vy’umwakaka bibonerana, birimwo ibinyobwa bipimwe neza ku rugero rw’inyota y’umunywi.

76:17

وَيُسۡقَوۡنَ فِيهَا كَأۡسٗا كَانَ مِزَاجُهَا زَنجَبِيلًا ﴿17﴾

Transliteration: Wayusqawna feeha kasan kana mizajuha zanjabeelan

Translation: Aho mu Bwami bw’ijuru, bazoherezwa inzoga itaboreza ivanzwe n’itangawizi.

76:18

عَيۡنٗا فِيهَا تُسَمَّىٰ سَلۡسَبِيلٗا ﴿18﴾

Transliteration: AAaynan feeha tusamma salsabeelan

Translation: Yengeshejwe amazi y’akanovera y’iriba “Salsabiil”, amanuka neza mu muhogo ata gakatsi.

76:19

وَيَطُوفُ عَلَيۡهِمۡ وِلۡدَٰنٞ مُّخَلَّدُونَ إِذَا رَأَيۡتَهُمۡ حَسِبۡتَهُمۡ لُؤۡلُؤٗا مَّنثُورٗا ﴿19﴾

Transliteration: Wayatoofu AAalayhim wildanun mukhalladoona itha raaytahum hasibtahum luluan manthooran

Translation: Bazoba bakikijwe n’imisore myiza ibahereza, ikurakuranwa, iri mu runganwe rumwe, idasaza. Uyibonye, ku bwiza bwayo wogira ngo ni “lulu[2]” zisanzajwe mu Bwami bw’ijuru.

76:20

وَإِذَا رَأَيۡتَ ثَمَّ رَأَيۡتَ نَعِيمٗا وَمُلۡكٗا كَبِيرًا ﴿20﴾

Transliteration: Waitha raayta thamma raayta naAAeeman wamulkan kabeeran

Translation: Aho ubonye hose muri nya Bwami, ubona inema z’akaroruhore n’ubwami bunini buhimbaye.

76:21

عَٰلِيَهُمۡ ثِيَابُ سُندُسٍ خُضۡرٞ وَإِسۡتَبۡرَقٞۖ وَحُلُّوٓاْ أَسَاوِرَ مِن فِضَّةٖ وَسَقَىٰهُمۡ رَبُّهُمۡ شَرَابٗا طَهُورًا ﴿21﴾

Transliteration: AAaliyahum thiyabu sundusin khudrun waistabraqun wahulloo asawira min fiddatin wasaqahum rabbuhum sharaban tahooran

Translation: Bazoba bambaye impuzu z’iharire yoroshe y’urwatsi rubisi, baheze barenzeko n’izindi z'iharire iremereye, bazonaberwa mu kwambikwa imiringa y’umwakaka. Hamwe n’ivyo vyose rero, Imana yabo Rurema Allah, Izobaha ikinyobwa gisukuye, kitagira agakatsi;

76:22

إِنَّ هَٰذَا كَانَ لَكُمۡ جَزَآءٗ وَكَانَ سَعۡيُكُم مَّشۡكُورًا ﴿22﴾

Transliteration: Inna hatha kana lakum jazaan wakana saAAyukum mashkooran

Translation: Maze babwirwe bati: “Mu vy’ukuri, iyi ni yo mpembo yanyu, ibikorwa vyanyu vyarashimwe n’Imana Allah”.

76:23

إِنَّا نَحۡنُ نَزَّلۡنَا عَلَيۡكَ ٱلۡقُرۡءَانَ تَنزِيلٗا ﴿23﴾

Transliteration: Inna nahnu nazzalna AAalayka alqurana tanzeelan

Translation: Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twaguhishuriye Qor’ani ibicebice, kugira wibutse ibiremwa, uheze uremeshe abemeramana, ugabishe n’abagarariji.

76:24

فَٱصۡبِرۡ لِحُكۡمِ رَبِّكَ وَلَا تُطِعۡ مِنۡهُمۡ ءَاثِمًا أَوۡ كَفُورٗا ﴿24﴾

Transliteration: Faisbir lihukmi rabbika wala tutiAA minhum athiman aw kafooran

Translation: Kubera ivyo rero, ihanganire ingingo y’Imana yawe Rurema Allah ku vyagezwe kuri wewe, uheze uyishime, maze ubandanye ushikirize ubutumwa bwayo, kandi ntukagamburukire umunyavyaha canke umugarariji n’umwe mu babangikanyamana.

76:25

وَٱذۡكُرِ ٱسۡمَ رَبِّكَ بُكۡرَةٗ وَأَصِيلٗا ﴿25﴾

Transliteration: Waothkuri isma rabbika bukratan waaseelan

Translation: Kandi wibuke kuguma uninahaza Imana yawe Rurema Allah no kuyisaba mu gitondo no ku mugoroba.

76:26

وَمِنَ ٱلَّيۡلِ فَٱسۡجُدۡ لَهُۥ وَسَبِّحۡهُ لَيۡلٗا طَوِيلًا ﴿26﴾

Transliteration: Wamina allayli faosjud lahu wasabbihhu laylan taweelan

Translation: Mw’ijoro naho, urubamira Imana Allah (usujudu), uheze usenge mu gicugu uyininahaza umwanya munini.

76:27

إِنَّ هَـٰٓؤُلَآءِ يُحِبُّونَ ٱلۡعَاجِلَةَ وَيَذَرُونَ وَرَآءَهُمۡ يَوۡمٗا ثَقِيلٗا ﴿27﴾

Transliteration: Inna haolai yuhibboona alAAajilata wayatharoona waraahum yawman thaqeelan

Translation: Mu vy’ukuri, abo babangikanyamana bakunda ivy’isi, bakavyitwararika cane, bakareka kwitegurira umusi w’umuhero w’isi uremereye.

76:28

نَّحۡنُ خَلَقۡنَٰهُمۡ وَشَدَدۡنَآ أَسۡرَهُمۡۖ وَإِذَا شِئۡنَا بَدَّلۡنَآ أَمۡثَٰلَهُمۡ تَبۡدِيلًا ﴿28﴾

Transliteration: Nahnu khalaqnahum washadadna asrahum waitha shina baddalna amthalahum tabdeelan

Translation: Mu vy’ukuri, ni Twebwe Allah Twabaremye, Turaheza Dukomeza ibihimba vy’imibiri yabo. Mu gihe rero Twoshaka, Twobarigita, Tukarema abandi nkabo bagamburukira Imana Allah kubarusha.

76:29

إِنَّ هَٰذِهِۦ تَذۡكِرَةٞۖ فَمَن شَآءَ ٱتَّخَذَ إِلَىٰ رَبِّهِۦ سَبِيلٗا ﴿29﴾

Transliteration: Inna hathihi tathkiratun faman shaa ittakhatha ila rabbihi sabeelan

Translation: Mu vy’ukuri iki gisomwa, ni urwibutso ku biremwa, uwoshaka ineza kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa rero, yogira ukwemera Imana Allah inzira imushikana ku mbabazi n’ishimwa vy’Imana yiwe Rurema Allah.

76:30

وَمَا تَشَآءُونَ إِلَّآ أَن يَشَآءَ ٱللَّهُۚ إِنَّ ٱللَّهَ كَانَ عَلِيمًا حَكِيمٗا ﴿30﴾

Transliteration: Wama tashaoona illa an yashaa Allahu inna Allaha kana AAaleeman hakeeman

Translation: Kanatsinda, nta co mwoshaka gushikako mu vyo mukora vyose ngo gishoboke, kiretse mu gihe Imana Allah Ibishatse. Mu vy’ukuri Imana Allah, Yamye ari Nyenubumenyikurivyose, Irazi umwe wese muri mwebwe kurusha, Intungane mu vyo Ikora.

76:31

يُدۡخِلُ مَن يَشَآءُ فِي رَحۡمَتِهِۦۚ وَٱلظَّـٰلِمِينَ أَعَدَّ لَهُمۡ عَذَابًا أَلِيمَۢا ﴿31﴾

Transliteration: Yudkhilu man yashao fee rahmatihi waalththalimeena aAAadda lahum AAathaban aleeman

Translation: Ishira mu mpuhwe zayo uwo Ishaka mu baja bayo. Nayo abirenganije mu kurenga ku mabwirizwa yayo, Yarabateguriye ibihano bibabaza cane.

Transliteration source: English Transliteration by Tanzil. Used under Tanzil's non-commercial terms; see the source and latest updates at Tanzil. Tanzil translation download