quranm◉

Surah Al-Ma'arij transliteration

◉ Sura · ∞

70:1

سَأَلَ سَآئِلُۢ بِعَذَابٖ وَاقِعٖ ﴿1﴾

Transliteration: Saala sailun biAAathabin waqiAAin

Translation: Yarasavye umusavyi[1] igihano gitegerezwa gushika;

70:2

لِّلۡكَٰفِرِينَ لَيۡسَ لَهُۥ دَافِعٞ ﴿2﴾

Transliteration: Lilkafireena laysa lahu dafiAAun

Translation: Kizoshikira abagarariji ku musi w’izuka, nta n’umwe ashoboye kugihagarika;

70:3

مِّنَ ٱللَّهِ ذِي ٱلۡمَعَارِجِ ﴿3﴾

Transliteration: Mina Allahi thee almaAAariji

Translation: Kiva ku Mana Allah, Nyeninzira zicamwo gusa abamalayika mu kirere;

70:4

تَعۡرُجُ ٱلۡمَلَـٰٓئِكَةُ وَٱلرُّوحُ إِلَيۡهِ فِي يَوۡمٖ كَانَ مِقۡدَارُهُۥ خَمۡسِينَ أَلۡفَ سَنَةٖ ﴿4﴾

Transliteration: TaAAruju almalaikatu waalrroohu ilayhi fee yawmin kana miqdaruhu khamseena alfa sanatin

Translation: Abamalayika hamwe na Mutimamweranda Jibrili, bazoduga muri izo nzira baja ku Mana Allah, ku musi w’izuka, ku ntureka zawo uzoba ungana n’imyaka yo kw’isi ibihumbi mirongo itanu[2].

70:5

فَٱصۡبِرۡ صَبۡرٗا جَمِيلًا ﴿5﴾

Transliteration: Faisbir sabran jameelan

Translation: Ntumwa y’Imana! Ihanganire ata kwidogera itebura ry’abagarariji mu kwihutira gusaba ko bohanwa.

70:6

إِنَّهُمۡ يَرَوۡنَهُۥ بَعِيدٗا ﴿6﴾

Transliteration: Innahum yarawnahu baAAeedan

Translation: Mu vy’ukuri, abagarariji babona ko ibihano vyo kuri uwo musi biri kure cane, bitazonabashikira;

70:7

وَنَرَىٰهُ قَرِيبٗا ﴿7﴾

Transliteration: Wanarahu qareeban

Translation: Na Twe Allah, Tukabibona ko nyabuna biri hafi cane, kandi bitegerezwa gushika.

70:8

يَوۡمَ تَكُونُ ٱلسَّمَآءُ كَٱلۡمُهۡلِ ﴿8﴾

Transliteration: Yawma takoonu alssamao kaalmuhli

Translation: Umusi ijuru ryabaye nk’ubutare bw’umujumpu bwayongejwe;

70:9

وَتَكُونُ ٱلۡجِبَالُ كَٱلۡعِهۡنِ ﴿9﴾

Transliteration: Watakoonu aljibalu kaalAAihni

Translation: Imisozi nayo ikaba nk’ubwoya bwashwiragijwe n’umuyaga mu kirere;

70:10

وَلَا يَسۡـَٔلُ حَمِيمٌ حَمِيمٗا ﴿10﴾

Transliteration: Wala yasalu hameemun hameeman

Translation: Umugenzi, ntazobaza mugenziwe uko amerewe.

70:11

يُبَصَّرُونَهُمۡۚ يَوَدُّ ٱلۡمُجۡرِمُ لَوۡ يَفۡتَدِي مِنۡ عَذَابِ يَوۡمِئِذِۭ بِبَنِيهِ ﴿11﴾

Transliteration: Yubassaroonahum yawaddu almujrimu law yaftadee min AAathabi yawmiithin bibaneehi

Translation: Abakunzi bazobonana banamenyane, maze umunyavyaha yipfuze ko yotuma yigomboza mu bihano vy’uwo musi, abana biwe;

70:12

وَصَٰحِبَتِهِۦ وَأَخِيهِ ﴿12﴾

Transliteration: Wasahibatihi waakheehi

Translation: N’umukenyezi wiwe, hamwe na mwenewabo;

70:13

وَفَصِيلَتِهِ ٱلَّتِي تُـٔۡوِيهِ ﴿13﴾

Transliteration: Wafaseelatihi allatee tuweehi

Translation: N'abo akomokako, bahora bamurwanako kw’isi;

70:14

وَمَن فِي ٱلۡأَرۡضِ جَمِيعٗا ثُمَّ يُنجِيهِ ﴿14﴾

Transliteration: Waman fee alardi jameeAAan thumma yunjeehi

Translation: Hamwe rero n’ibiremwa vyose vyo kw’isi; yiyumvira ko ivyo vyose vyomurokora mu bihano.

70:15

كَلَّآۖ إِنَّهَا لَظَىٰ ﴿15﴾

Transliteration: Kalla innaha latha

Translation: Nateshwe ate, arahumba! Si nk’uko avyipfuza, ntibazomurokora namba. Mu vy’ukuri uburuhukiro bwiwe, ni mu muriro wa Jahannamu ururumba n’inguvu nyinshi;

70:16

نَزَّاعَةٗ لِّلشَّوَىٰ ﴿16﴾

Transliteration: NazzaAAatan lilshshawa

Translation: Ushishura urukoba rw’umutwe n’urw’ibindi bihimba vy’umubiri;

70:17

تَدۡعُواْ مَنۡ أَدۡبَرَ وَتَوَلَّىٰ ﴿17﴾

Transliteration: TadAAoo man adbara watawalla

Translation: Uhamagara uwo wese yirengagiza ukuri akiri kw'isi, akanagenza umugongo mu kutumvira Imana Allah n’Intumwa yayo;

70:18

وَجَمَعَ فَأَوۡعَىٰٓ ﴿18﴾

Transliteration: WajamaAAa faawAAa

Translation: Yishinga kwegeranya no kuziganya amatungo yiwe; atayatangako ishikanwa-bwirizwa, n’izindi mperezwa.

70:19

إِنَّ ٱلۡإِنسَٰنَ خُلِقَ هَلُوعًا ﴿19﴾

Transliteration: Inna alinsana khuliqa halooAAan

Translation: Mu vy’ukuri, kiremwa-muntu yaremanwe igihababu;

70:20

إِذَا مَسَّهُ ٱلشَّرُّ جَزُوعٗا ﴿20﴾

Transliteration: Itha massahu alshsharru jazooAAan

Translation: Iyo akozweko n’ikiza c’ubukene canke indwara n'ibindi, ntiyihangana;

70:21

وَإِذَا مَسَّهُ ٱلۡخَيۡرُ مَنُوعًا ﴿21﴾

Transliteration: Waitha massahu alkhayru manooAAan

Translation: N’iyo yorohewe mu buzima, aba ingumyi;

70:22

إِلَّا ٱلۡمُصَلِّينَ ﴿22﴾

Transliteration: Illa almusalleena

Translation: Havuyemwo gusa abasenga;

70:23

ٱلَّذِينَ هُمۡ عَلَىٰ صَلَاتِهِمۡ دَآئِمُونَ ﴿23﴾

Transliteration: Allatheena hum AAala salatihim daimoona

Translation: Batsimbataza amasengesho yabo ku mwanya wayo bakamizako;

70:24

وَٱلَّذِينَ فِيٓ أَمۡوَٰلِهِمۡ حَقّٞ مَّعۡلُومٞ ﴿24﴾

Transliteration: Waallatheena fee amwalihim haqqun maAAloomun

Translation: N’abafise umugabane uzwi mu matungo yabo, bagaheza bakawutangako ishikanwa-bwirizwa;

70:25

لِّلسَّآئِلِ وَٱلۡمَحۡرُومِ ﴿25﴾

Transliteration: Lilssaili waalmahroomi

Translation: Bagahereza umukene yubahuka agasega n’uwipfa agasoni, ntasabirize.

70:26

وَٱلَّذِينَ يُصَدِّقُونَ بِيَوۡمِ ٱلدِّينِ ﴿26﴾

Transliteration: Waallatheena yusaddiqoona biyawmi alddeeni

Translation: Havuyemwo n’abemera umusi w’impera, bakawitegurira mu gukora ivyiza bitegetswe;

70:27

وَٱلَّذِينَ هُم مِّنۡ عَذَابِ رَبِّهِم مُّشۡفِقُونَ ﴿27﴾

Transliteration: Waallatheena hum min AAathabi rabbihim mushfiqoona

Translation: N’abatinya ibihano bivuye ku Mana yabo Rurema Allah, maze bakavyiyubara;

70:28

إِنَّ عَذَابَ رَبِّهِمۡ غَيۡرُ مَأۡمُونٖ ﴿28﴾

Transliteration: Inna AAathaba rabbihim ghayru mamoonin

Translation: Mu vy’ukuri ibihano vy’Imana yabo Rurema Allah, nta wokwijajara akiha amahoro mu kwiyemeza ko azobikira;

70:29

وَٱلَّذِينَ هُمۡ لِفُرُوجِهِمۡ حَٰفِظُونَ ﴿29﴾

Transliteration: Waallatheena hum lifuroojihim hafithoona

Translation: N’abacungera ubwambure bwabo, ntibasambane;

70:30

إِلَّا عَلَىٰٓ أَزۡوَٰجِهِمۡ أَوۡ مَا مَلَكَتۡ أَيۡمَٰنُهُمۡ فَإِنَّهُمۡ غَيۡرُ مَلُومِينَ ﴿30﴾

Transliteration: Illa AAala azwajihim aw ma malakat aymanuhum fainnahum ghayru maloomeena

Translation: Kiretse gusa ku bakenyezi babo, canke abari mu minwe yabo mu ncoreke. Kuri abo rero, nta mwikomo bazogirirwa, nta kabi kabo.

70:31

فَمَنِ ٱبۡتَغَىٰ وَرَآءَ ذَٰلِكَ فَأُوْلَـٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡعَادُونَ ﴿31﴾

Transliteration: Famani ibtagha waraa thalika faolaika humu alAAadoona

Translation: Mugabo abazorengera ku bitari ivyo, bazoba barenze imbibe z’ibirekuwe, bavogereye imbibe z’ibibujijwe;

70:32

وَٱلَّذِينَ هُمۡ لِأَمَٰنَٰتِهِمۡ وَعَهۡدِهِمۡ رَٰعُونَ ﴿32﴾

Transliteration: Waallatheena hum liamanatihim waAAahdihim raAAoona

Translation: N’abacungera imbitso baragijwe n’Imana Allah n’izo babikijwe n’abantu, bagashitsa n’amasezerano biyemeje;

70:33

وَٱلَّذِينَ هُم بِشَهَٰدَٰتِهِمۡ قَآئِمُونَ ﴿33﴾

Transliteration: Waallatheena hum bishahadatihim qaimoona

Translation: N’ababa ivyabona vy’ukuri mu kutanyegeza canke guhindura ukuri bazi;

70:34

وَٱلَّذِينَ هُمۡ عَلَىٰ صَلَاتِهِمۡ يُحَافِظُونَ ﴿34﴾

Transliteration: Waallatheena hum AAala salatihim yuhafithoona

Translation: N’abasenga amasengesho yabo bakayatunganya nk’uko bisabwa.

70:35

أُوْلَـٰٓئِكَ فِي جَنَّـٰتٖ مُّكۡرَمُونَ ﴿35﴾

Transliteration: Olaika fee jannatin mukramoona

Translation: Abo barangwa n’izo ngeso nziza rero, bazoterwa iteka mu Bwami bw’ijuru bwuzuye inema.

70:36

فَمَالِ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ قِبَلَكَ مُهۡطِعِينَ ﴿36﴾

Transliteration: Famali allatheena kafaroo qibalaka muhtiAAeena

Translation: Mbega, ni igiki gituma abagararije Imana Allah bahurumbira kuza bagukanuriye amaso!

70:37

عَنِ ٱلۡيَمِينِ وَعَنِ ٱلشِّمَالِ عِزِينَ ﴿37﴾

Transliteration: AAani alyameeni waAAani alshshimali AAizeena

Translation: Bagukikije iburyo n’ibubamfu bwawe, bari mu migwimigwi, batangazwa n’ubutumwa ubashikiriza!

70:38

أَيَطۡمَعُ كُلُّ ٱمۡرِيٕٖ مِّنۡهُمۡ أَن يُدۡخَلَ جَنَّةَ نَعِيمٖ ﴿38﴾

Transliteration: AyatmaAAu kullu imriin minhum an yudkhala jannata naAAeemin

Translation: Mbega umwe wese muri bo, yipfuza kwinjizwa mu Bwami bw’ijuru bwuzuye inema; nk’abislamu bicisha bugufi!

70:39

كَلَّآۖ إِنَّا خَلَقۡنَٰهُم مِّمَّا يَعۡلَمُونَ ﴿39﴾

Transliteration: Kalla inna khalaqnahum mimma yaAAlamoona

Translation: Nibateshwe bate, barahumba! Si nk’uko bavyipfuza, ntibazopfa babwinjiye. Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twabaremye mu mazi y’intanga bazi.

70:40

فَلَآ أُقۡسِمُ بِرَبِّ ٱلۡمَشَٰرِقِ وَٱلۡمَغَٰرِبِ إِنَّا لَقَٰدِرُونَ ﴿40﴾

Transliteration: Fala oqsimu birabbi almashariqi waalmagharibi inna laqadiroona

Translation: Jewe Allah, Ndarahiye kw’izina ryanje, Jewe Imana Muremyi Yaremye ubuseruko n’uburengero vy'izuba, vy'ukwezi n'ivy'izindi nyenyeri[3], ko Twebwe Allah Dushoboye vyose!

70:41

عَلَىٰٓ أَن نُّبَدِّلَ خَيۡرٗا مِّنۡهُمۡ وَمَا نَحۡنُ بِمَسۡبُوقِينَ ﴿41﴾

Transliteration: AAala an nubaddila khayran minhum wama nahnu bimasbooqeena

Translation: Turashoboye kubahindura mu kubasubiriza hakaza ibindi biremwa nkabo, vyubaha Imana Allah kubarusha, kandi ntitwonanirwa n’ivyo!

70:42

فَذَرۡهُمۡ يَخُوضُواْ وَيَلۡعَبُواْ حَتَّىٰ يُلَٰقُواْ يَوۡمَهُمُ ٱلَّذِي يُوعَدُونَ ﴿42﴾

Transliteration: Fatharhum yakhoodoo wayalAAaboo hatta yulaqoo yawmahumu allathee yooAAadoona

Translation: Kubera ivyo rero, bareke gutyo babandanye guhakana no gufyinata, kugeza aho bazokwibonera ubwabo uwo musi wabo w'izuka basezeraniwe ko bazohanwa;

70:43

يَوۡمَ يَخۡرُجُونَ مِنَ ٱلۡأَجۡدَاثِ سِرَاعٗا كَأَنَّهُمۡ إِلَىٰ نُصُبٖ يُوفِضُونَ ﴿43﴾

Transliteration: Yawma yakhrujoona mina alajdathi siraAAan kaannahum ila nusubin yoofidoona

Translation: Umusi bazutse bava mu kuzimu banyaragasa, nk’aho boba basiganwa gushika ku bigirwamana bahora basenga kw’isi, bishinze imbere yabo;

70:44

خَٰشِعَةً أَبۡصَٰرُهُمۡ تَرۡهَقُهُمۡ ذِلَّةٞۚ ذَٰلِكَ ٱلۡيَوۡمُ ٱلَّذِي كَانُواْ يُوعَدُونَ ﴿44﴾

Transliteration: KhashiAAatan absaruhum tarhaquhum thillatun thalika alyawmu allathee kanoo yooAAadoona

Translation: Amaso yabo, azoba araba hasi ku guteterwa, bagayitse. Uwo rero, ni wa musi bari barasezeraniwe bakiri kw’isi ko uzobashikira, bakawuhakana.

Transliteration source: English Transliteration by Tanzil. Used under Tanzil's non-commercial terms; see the source and latest updates at Tanzil. Tanzil translation download