quranm◉

Surah Al-Haqqah transliteration

◉ Sura · ∞

69:1

ٱلۡحَآقَّةُ ﴿1﴾

Transliteration: Alhaqqatu

Translation: Igitegerezwa kuba.

69:2

مَا ٱلۡحَآقَّةُ ﴿2﴾

Transliteration: Ma alhaqqatu

Translation: Ico, ni igiki gitegerezwa kuba?

69:3

وَمَآ أَدۡرَىٰكَ مَا ٱلۡحَآقَّةُ ﴿3﴾

Transliteration: Wama adraka ma alhaqqatu

Translation: Ntumwa y'Imana! Ni igiki cokumenyesha ico gitegerezwa kuba, ukuntu giteye n'intureka zaco?

69:4

كَذَّبَتۡ ثَمُودُ وَعَادُۢ بِٱلۡقَارِعَةِ ﴿4﴾

Transliteration: Kaththabat thamoodu waAAadun bialqariAAati

Translation: Bene Thamuudi barungikiwe Intumwa Swalehe (nyakugira amahoro y’Imana Allah), na Bene Aadi barungikiwe Intumwa Huudi (nyakugira amahoro y’Imana Allah), barahakanye bivuye inyuma umusi w’inkuramutima, ari wo muhero w’isi.

69:5

فَأَمَّا ثَمُودُ فَأُهۡلِكُواْ بِٱلطَّاغِيَةِ ﴿5﴾

Transliteration: Faamma thamoodu faohlikoo bialttaghiyati

Translation: Ni uko rero, Bene Thamuudi bahonejwe n’ijwi rimena amatwi.

69:6

وَأَمَّا عَادٞ فَأُهۡلِكُواْ بِرِيحٖ صَرۡصَرٍ عَاتِيَةٖ ﴿6﴾

Transliteration: Waamma AAadun faohlikoo bireehin sarsarin AAatiyatin

Translation: Nayo Bene Aadi, bahonejwe n’igihuhusi c’igikonyozi kirandurana n’imizi ico ari co cose bihuye;

69:7

سَخَّرَهَا عَلَيۡهِمۡ سَبۡعَ لَيَالٖ وَثَمَٰنِيَةَ أَيَّامٍ حُسُومٗاۖ فَتَرَى ٱلۡقَوۡمَ فِيهَا صَرۡعَىٰ كَأَنَّهُمۡ أَعۡجَازُ نَخۡلٍ خَاوِيَةٖ ﴿7﴾

Transliteration: Sakhkharaha AAalayhim sabAAa layalin wathamaniyata ayyamin husooman fatara alqawma feeha sarAAa kaannahum aAAjazu nakhlin khawiyatun

Translation: Imana Allah, Yakibarungikiye amajoro indwi n’imirango umunani ikurikirana ata gahengwe, maze kirabahonya. Waraheza ukabona abantu bitega imyereka bagwa hasi nk’ibishitsi vy’itende vyariwe n’umuswa, bitagira intimatima;

69:8

فَهَلۡ تَرَىٰ لَهُم مِّنۢ بَاقِيَةٖ ﴿8﴾

Transliteration: Fahal tara lahum min baqiyatin

Translation: Mbega woba ukibona n’umwe muri bo yarokotse, akarusimba! Barahonye bose.

69:9

وَجَآءَ فِرۡعَوۡنُ وَمَن قَبۡلَهُۥ وَٱلۡمُؤۡتَفِكَٰتُ بِٱلۡخَاطِئَةِ ﴿9﴾

Transliteration: Wajaa firAAawnu waman qablahu waalmutafikatu bialkhatiati

Translation: Mu nyuma, haje Firawuni n’ubugaba bwiwe, haza n’abahakanyi bo hambere yiwe, hamwe n’abantu bo mu bisagara vyimonogoje mu bugaba, barungikiwe Intumwa Luutwi (nyakugira amahoro y’Imana Allah);

69:10

فَعَصَوۡاْ رَسُولَ رَبِّهِمۡ فَأَخَذَهُمۡ أَخۡذَةٗ رَّابِيَةً ﴿10﴾

Transliteration: FaAAasaw rasoola rabbihim faakhathahum akhthatan rabiyatan

Translation: Umugwi wose muri bo, warahakanye wivuye inyuma Intumwa warungikiwe n’Imana yawo Rurema Allah, maze Iraheza Irawushikura mu kuwuhana bimwe bikomeye.

69:11

إِنَّا لَمَّا طَغَا ٱلۡمَآءُ حَمَلۡنَٰكُمۡ فِي ٱلۡجَارِيَةِ ﴿11﴾

Transliteration: Inna lamma tagha almao hamalnakum fee aljariyati

Translation: Mu vy’ukuri, igihe isegenya ryahitana vyose rero, Twebwe Allah Twararokoye mu guheka mu bwato bureremba, abo mwakomotseko hamwe n’Intumwa Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah);

69:12

لِنَجۡعَلَهَا لَكُمۡ تَذۡكِرَةٗ وَتَعِيَهَآ أُذُنٞ وَٰعِيَةٞ ﴿12﴾

Transliteration: LinajAAalaha lakum tathkiratan wataAAiyaha othunun waAAiyatun

Translation: Ivyo Twabigize kugira ngo bibabere urwibutso, maze ugutwi kwumva na kwo kwumvireho.

69:13

فَإِذَا نُفِخَ فِي ٱلصُّورِ نَفۡخَةٞ وَٰحِدَةٞ ﴿13﴾

Transliteration: Faitha nufikha fee alssoori nafkhatun wahidatun

Translation: Igihe rero havugijwe n’umumalayika Israafiili inzamba ya mbere yo guhonya ibiremwa vyose;

69:14

وَحُمِلَتِ ٱلۡأَرۡضُ وَٱلۡجِبَالُ فَدُكَّتَا دَكَّةٗ وَٰحِدَةٗ ﴿14﴾

Transliteration: Wahumilati alardu waaljibalu fadukkata dakkatan wahidatan

Translation: Maze isi hamwe n’imisozi bigakurwaho, bigahondwa rimwe gusa;

69:15

فَيَوۡمَئِذٖ وَقَعَتِ ٱلۡوَاقِعَةُ ﴿15﴾

Transliteration: Fayawmaithin waqaAAati alwaqiAAatu

Translation: Uwo rero, ni wo musi w’imperuka w'igitegerezwa kuba, uzoba washitse;

69:16

وَٱنشَقَّتِ ٱلسَّمَآءُ فَهِيَ يَوۡمَئِذٖ وَاهِيَةٞ ﴿16﴾

Transliteration: Wainshaqqati alssamao fahiya yawmaithin wahiyatun

Translation: Aho ijuru rizosatagurika. Kuri uwo musi, ijuru rizoba ridakomeye namba;

69:17

وَٱلۡمَلَكُ عَلَىٰٓ أَرۡجَآئِهَاۚ وَيَحۡمِلُ عَرۡشَ رَبِّكَ فَوۡقَهُمۡ يَوۡمَئِذٖ ثَمَٰنِيَةٞ ﴿17﴾

Transliteration: Waalmalaku AAala arjaiha wayahmilu AAarsha rabbika fawqahum yawmaithin thamaniyatun

Translation: Abamalayika na bo bazoba bari ku mfuruka zaryo. Abamalayika umunani b’ibihangange bazoba bareruye hejuru yabo Ubuhangamo bw’Imana yawe Rurema Allah;

69:18

يَوۡمَئِذٖ تُعۡرَضُونَ لَا تَخۡفَىٰ مِنكُمۡ خَافِيَةٞ ﴿18﴾

Transliteration: Yawmaithin tuAAradoona la takhfa minkum khafiyatun

Translation: Bantu! Kuri uwo musi, muzoshengezwa mwese mucirirwe imanza, muheze muhemberwe ivyo mwakoze, kandi nta banga ryanyu rizonyegezwa.

69:19

فَأَمَّا مَنۡ أُوتِيَ كِتَٰبَهُۥ بِيَمِينِهِۦ فَيَقُولُ هَآؤُمُ ٱقۡرَءُواْ كِتَٰبِيَهۡ ﴿19﴾

Transliteration: Faamma man ootiya kitabahu biyameenihi fayaqoolu haomu iqraoo kitabiyah

Translation: Uwuzohabwa rero igitabu c’ibikorwa vyiwe mu kuboko kwiwe kw’iburyo, azoca avuga ahimbawe cane ati: “Ehe bantu! Akire, nimwisomere iki gitabu canje;

69:20

إِنِّي ظَنَنتُ أَنِّي مُلَٰقٍ حِسَابِيَهۡ ﴿20﴾

Transliteration: Innee thanantu annee mulaqin hisabiyah

Translation: Mu vy’ukuri, nari nzi yuko nzoronka impembo yanje, ndaheza ndayikorera”;

69:21

فَهُوَ فِي عِيشَةٖ رَّاضِيَةٖ ﴿21﴾

Transliteration: Fahuwa fee AAeeshatin radiyatin

Translation: Uyo rero, azobaho ubuzima bw’akanyamuneza nta ngere;

69:22

فِي جَنَّةٍ عَالِيَةٖ ﴿22﴾

Transliteration: Fee jannatin AAaliyatin

Translation: Bazoba bari mu Bwami bw’ijuru bw’iteka;

69:23

قُطُوفُهَا دَانِيَةٞ ﴿23﴾

Transliteration: Qutoofuha daniyatun

Translation: Ivyamwa vyo muri Bwo vyamira hafi cane, bikamurwa vyoroshe;

69:24

كُلُواْ وَٱشۡرَبُواْ هَنِيٓـَٔۢا بِمَآ أَسۡلَفۡتُمۡ فِي ٱلۡأَيَّامِ ٱلۡخَالِيَةِ ﴿24﴾

Transliteration: Kuloo waishraboo haneean bima aslaftum fee alayyami alkhaliyati

Translation: Bazobwirwa bati: “Nimufungure, mwongere munywe n’akayabagu kenshi ku vyo mwakoze kw’isi”.

69:25

وَأَمَّا مَنۡ أُوتِيَ كِتَٰبَهُۥ بِشِمَالِهِۦ فَيَقُولُ يَٰلَيۡتَنِي لَمۡ أُوتَ كِتَٰبِيَهۡ ﴿25﴾

Transliteration: Waamma man ootiya kitabahu bishimalihi fayaqoolu ya laytanee lam oota kitabiyah

Translation: Nayo uwuzohabwa igitabu ciwe mu kuboko kwiwe kw’ibubamfu, azovuga yihebuye ati: “Amagorwa arama yemwe! Iyo ntahabwa iki gitabu canje;

69:26

وَلَمۡ أَدۡرِ مَا حِسَابِيَهۡ ﴿26﴾

Transliteration: Walam adri ma hisabiyah

Translation: Ngatako simenye impembo yanje;

69:27

يَٰلَيۡتَهَا كَانَتِ ٱلۡقَاضِيَةَ ﴿27﴾

Transliteration: Ya laytaha kanati alqadiyatu

Translation: Yoo! Iyo urupfu napfuye kw’isi rumarira vyose sinzuke;

69:28

مَآ أَغۡنَىٰ عَنِّي مَالِيَهۡۜ ﴿28﴾

Transliteration: Ma aghna AAannee maliyah

Translation: Ehe yemwe! Amatungo yanje yose nta co yamariye;

69:29

هَلَكَ عَنِّي سُلۡطَٰنِيَهۡ ﴿29﴾

Transliteration: Halaka AAannee sultaniyah

Translation: Eka n’ivyireguzo vyanje vyose vyampereyeko”.

69:30

خُذُوهُ فَغُلُّوهُ ﴿30﴾

Transliteration: Khuthoohu faghulloohu

Translation: Abamalayika bacungereye umuriro, bazoca babwirwa bati: “Nimufate uyo munyavyaha mukomanye amaboko n’izosi, muce mumudadira n'amapingu;

69:31

ثُمَّ ٱلۡجَحِيمَ صَلُّوهُ ﴿31﴾

Transliteration: Thumma aljaheema salloohu

Translation: Hanyuma mumujugunyire mu muriro ururumba;

69:32

ثُمَّ فِي سِلۡسِلَةٖ ذَرۡعُهَا سَبۡعُونَ ذِرَاعٗا فَٱسۡلُكُوهُ ﴿32﴾

Transliteration: Thumma fee silsilatin tharAAuha sabAAoona thiraAAan faoslukoohu

Translation: Muheze mumuboheshe umunyororo muremure cane”;

69:33

إِنَّهُۥ كَانَ لَا يُؤۡمِنُ بِٱللَّهِ ٱلۡعَظِيمِ ﴿33﴾

Transliteration: Innahu kana la yuminu biAllahi alAAatheemi

Translation: Mu vy’ukuri, ntiyigeze yemera Imana Imwe Rudende Allah, Nyenicubahirogisumbavyose.

69:34

وَلَا يَحُضُّ عَلَىٰ طَعَامِ ٱلۡمِسۡكِينِ ﴿34﴾

Transliteration: Wala yahuddu AAala taAAami almiskeeni

Translation: Kandi ntiyitaho guhimiriza gufungurira abakenye mu bakene n’aboro, n’abandi.

69:35

فَلَيۡسَ لَهُ ٱلۡيَوۡمَ هَٰهُنَا حَمِيمٞ ﴿35﴾

Transliteration: Falaysa lahu alyawma hahuna hameemun

Translation: Uno musi rero, nta mukunzi nkoramutima afise ngo amukingire ibihano;

69:36

وَلَا طَعَامٌ إِلَّا مِنۡ غِسۡلِينٖ ﴿36﴾

Transliteration: Wala taAAamun illa min ghisleenin

Translation: Nta n’ibifungurwa ahabwa, atari amashira n’ibindi bitemba biva mu nyenga y’umuriro;

69:37

لَّا يَأۡكُلُهُۥٓ إِلَّا ٱلۡخَٰطِـُٔونَ ﴿37﴾

Transliteration: La yakuluhu illa alkhatioona

Translation: Nta muntu anabifungura, atari abanyavyaha b’abahakanyi ruhebwa.

69:38

فَلَآ أُقۡسِمُ بِمَا تُبۡصِرُونَ ﴿38﴾

Transliteration: Fala oqsimu bima tubsiroona

Translation: Jewe Allah, Ndarahiye ku bintu mubona n’amaso!

69:39

وَمَا لَا تُبۡصِرُونَ ﴿39﴾

Transliteration: Wama la tubsiroona

Translation: No ku vyo mutabona mu binyegejwe ibiremwa!

69:40

إِنَّهُۥ لَقَوۡلُ رَسُولٖ كَرِيمٖ ﴿40﴾

Transliteration: Innahu laqawlu rasoolin kareemin

Translation: Ko mu vy’ukuri iyo Qor’ani, ari amajambo y’Imana Allah asomwa n’Intumwa yubashwe.

69:41

وَمَا هُوَ بِقَوۡلِ شَاعِرٖۚ قَلِيلٗا مَّا تُؤۡمِنُونَ ﴿41﴾

Transliteration: Wama huwa biqawli shaAAirin qaleelan ma tuminoona

Translation: Kanatsinda, si n’amajambo y’umwivuzi w'amazina nk'uko mwibwira. Burya mwemera gake!

69:42

وَلَا بِقَوۡلِ كَاهِنٖۚ قَلِيلٗا مَّا تَذَكَّرُونَ ﴿42﴾

Transliteration: Wala biqawli kahinin qaleelan ma tathakkaroona

Translation: Kandi si n’amajambo y’umurozi atongera. Burya mwibuka gake, ngo mushobore kubitandukanya!

69:43

تَنزِيلٞ مِّن رَّبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ ﴿43﴾

Transliteration: Tanzeelun min rabbi alAAalameena

Translation: Ahubwo iyo Qor’ani, ni amajambo y’Imana Allah yamanuwe n’Umubungabunzi w’ibiremwa vyose ku Ntumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).

69:44

وَلَوۡ تَقَوَّلَ عَلَيۡنَا بَعۡضَ ٱلۡأَقَاوِيلِ ﴿44﴾

Transliteration: Walaw taqawwala AAalayna baAAda alaqaweeli

Translation: Iyo rero Muhamadi ahirahira ngo arementanye bimwe mu vyo avuga, Tutigeze Tubimuhishurira;

69:45

لَأَخَذۡنَا مِنۡهُ بِٱلۡيَمِينِ ﴿45﴾

Transliteration: Laakhathna minhu bialyameeni

Translation: Nta nkeka ko Twari kumuhana, Tukanamuca n’ukuboko kw’iburyo;

69:46

ثُمَّ لَقَطَعۡنَا مِنۡهُ ٱلۡوَتِينَ ﴿46﴾

Transliteration: Thumma laqataAAna minhu alwateena

Translation: Twari no kumuca umutsi mukuru w’umurindi w’amaraso, agapfa;

69:47

فَمَا مِنكُم مِّنۡ أَحَدٍ عَنۡهُ حَٰجِزِينَ ﴿47﴾

Transliteration: Fama minkum min ahadin AAanhu hajizeena

Translation: Kandi nta n’umwe muri mwebwe yoshoboye kumukingira.

69:48

وَإِنَّهُۥ لَتَذۡكِرَةٞ لِّلۡمُتَّقِينَ ﴿48﴾

Transliteration: Wainnahu latathkiratun lilmuttaqeena

Translation: Mu vy’ukuri iyi Qor’ani ntagatifu, ni n’urwibutso rwibutsa canecane abagamburukiramana bubahiriza amabwirizwa y'Imana Allah.

69:49

وَإِنَّا لَنَعۡلَمُ أَنَّ مِنكُم مُّكَذِّبِينَ ﴿49﴾

Transliteration: Wainna lanaAAlamu anna minkum mukaththibeena

Translation: Bantu! Mu vy’ukuri, Turazi ko muri mwebwe harimwo abahakana iyi Qor’ani, ntibayemere.

69:50

وَإِنَّهُۥ لَحَسۡرَةٌ عَلَى ٱلۡكَٰفِرِينَ ﴿50﴾

Transliteration: Wainnahu lahasratun AAala alkafireena

Translation: Kandi kutayemera, bizotera abagarariji agahombo n’umubabaro.

69:51

وَإِنَّهُۥ لَحَقُّ ٱلۡيَقِينِ ﴿51﴾

Transliteration: Wainnahu lahaqqu alyaqeeni

Translation: Mu vy’ukuri iyi Qor’ani, ni kwo kuri nyakwo kudahinyuzwa.

69:52

فَسَبِّحۡ بِٱسۡمِ رَبِّكَ ٱلۡعَظِيمِ ﴿52﴾

Transliteration: Fasabbih biismi rabbika alAAatheemi

Translation: Ntumwa y’Imana! Kubera ivyo rero, shishikara uninahaza Imana yawe Rurema Allah, Nyenicubahirogisumbavyose.

Transliteration source: English Transliteration by Tanzil. Used under Tanzil's non-commercial terms; see the source and latest updates at Tanzil. Tanzil translation download