quranm◉

Surah Al-Layl transliteration

◉ Sura · ∞

92:1

وَٱلَّيۡلِ إِذَا يَغۡشَىٰ ﴿1﴾

Transliteration: Waallayli itha yaghsha

Translation: Jewe Allah, Ndarahiye kw’ijoro iyo ripfutse ibintu vyose kw’isi!

92:2

وَٱلنَّهَارِ إِذَا تَجَلَّىٰ ﴿2﴾

Transliteration: Waalnnahari itha tajalla

Translation: No ku murango iyo hakeye, hakabona!

92:3

وَمَا خَلَقَ ٱلذَّكَرَ وَٱلۡأُنثَىٰٓ ﴿3﴾

Transliteration: Wama khalaqa alththakara waalontha

Translation: No kw’irema ry’igitsina-gabo n’igitsina-gore!

92:4

إِنَّ سَعۡيَكُمۡ لَشَتَّىٰ ﴿4﴾

Transliteration: Inna saAAyakum lashatta

Translation: Bantu! Mu vy’ukuri ibikorwa vyanyu biri kwinshi; muri mwebwe harimwo uwukorera isi, hakabamwo n’uwukorera ubuzima bw’inyuma yo gupfa.

92:5

فَأَمَّا مَنۡ أَعۡطَىٰ وَٱتَّقَىٰ ﴿5﴾

Transliteration: Faamma man aAAta waittaqa

Translation: Uwo wese rero azotanga atiziganya mu matungo yiwe ku bw’Imana Allah, akanagamburuka;

92:6

وَصَدَّقَ بِٱلۡحُسۡنَىٰ ﴿6﴾

Transliteration: Wasaddaqa bialhusna

Translation: Akanemera ijambo “LAA ILAAHA ILLA LLAAH[1]”, ivyo ryigisha, ivyo risaba n’indishi zaryo;

92:7

فَسَنُيَسِّرُهُۥ لِلۡيُسۡرَىٰ ﴿7﴾

Transliteration: Fasanuyassiruhu lilyusra

Translation: Uyo rero Twebwe Allah, Tuzomworohereza mu buzima bwo kw’isi, Tunamushoboze gukora ivyiza bimushikana mu Bwami bw’ijuru.

92:8

وَأَمَّا مَنۢ بَخِلَ وَٱسۡتَغۡنَىٰ ﴿8﴾

Transliteration: Waamma man bakhila waistaghna

Translation: Nayo uwuzoba ingumyi mu gutanga, ntanakenere indishi ku Mana Allah;

92:9

وَكَذَّبَ بِٱلۡحُسۡنَىٰ ﴿9﴾

Transliteration: Wakaththaba bialhusna

Translation: Agahakana n’ijambo “LAA ILAAHA ILLA LLAAH”, ivyo ryigisha, ivyo risaba n’indishi zaryo;

92:10

فَسَنُيَسِّرُهُۥ لِلۡعُسۡرَىٰ ﴿10﴾

Transliteration: Fasanuyassiruhu lilAAusra

Translation: Uyo, Twebwe Allah Tuzomworohereza gukora ibimushikana ku magorwa yo mu muriro udahera;

92:11

وَمَا يُغۡنِي عَنۡهُ مَالُهُۥٓ إِذَا تَرَدَّىٰٓ ﴿11﴾

Transliteration: Wama yughnee AAanhu maluhu itha taradda

Translation: Amatungo yiwe, nta n’ico azomumarira igihe yahanantukiye mu muriro udahera.

92:12

إِنَّ عَلَيۡنَا لَلۡهُدَىٰ ﴿12﴾

Transliteration: Inna AAalayna lalhuda

Translation: Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Tujejwe kwerekana inzira igororotse iganisha mu Bwami bw’ijuru.

92:13

وَإِنَّ لَنَا لَلۡأٓخِرَةَ وَٱلۡأُولَىٰ ﴿13﴾

Transliteration: Wainna lana lalakhirata waaloola

Translation: Kandi mu vy’ukuri, ni Twe Tugaba Tukaganza ubuzima bw’inyuma yo gupfa n’ubwo kw’isi.

92:14

فَأَنذَرۡتُكُمۡ نَارٗا تَلَظَّىٰ ﴿14﴾

Transliteration: Faanthartukum naran talaththa

Translation: Ni na co gituma Ndababuriye - bantu - Ndanabatinyisha n’ibihano vyo mu muriro ururumba.

92:15

لَا يَصۡلَىٰهَآ إِلَّا ٱلۡأَشۡقَى ﴿15﴾

Transliteration: La yaslaha illa alashqa

Translation: Nta wuwinjiramwo ubutavayo atari uwimonogoje mu bugarariji;

92:16

ٱلَّذِي كَذَّبَ وَتَوَلَّىٰ ﴿16﴾

Transliteration: Allathee kaththaba watawalla

Translation: Uwuhakana Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), agaheza akagenza umugongo yirengagiza ukwemera Imana Allah n’Intumwa yayo.

92:17

وَسَيُجَنَّبُهَا ٱلۡأَتۡقَى ﴿17﴾

Transliteration: Wasayujannabuha alatqa

Translation: Hazokwegezwa kure y’uwo muriro, uwugamburukira Imana Allah bikwiye;

92:18

ٱلَّذِي يُؤۡتِي مَالَهُۥ يَتَزَكَّىٰ ﴿18﴾

Transliteration: Allathee yutee malahu yatazakka

Translation: Uwutanga amatungo yiwe ku bw’Imana Allah, arondera kubandanya yiyeza;

92:19

وَمَا لِأَحَدٍ عِندَهُۥ مِن نِّعۡمَةٖ تُجۡزَىٰٓ ﴿19﴾

Transliteration: Wama liahadin AAindahu min niAAmatin tujza

Translation: Kandi nta n’umwe agirira ineza mu ntumbero yo gusubirizwa mu ndumane;

92:20

إِلَّا ٱبۡتِغَآءَ وَجۡهِ رَبِّهِ ٱلۡأَعۡلَىٰ ﴿20﴾

Transliteration: Illa ibtighaa wajhi rabbihi alaAAla

Translation: Ariko agira ineza arondera gushimwa n’Imana yiwe Rurema Allah, Nyenicubahiro-ntangere.

92:21

وَلَسَوۡفَ يَرۡضَىٰ ﴿21﴾

Transliteration: Walasawfa yarda

Translation: Kandi nta kibuza ko azoshima impera n’inema zayo mu Bwami bw’ijuru.

Transliteration source: English Transliteration by Tanzil. Used under Tanzil's non-commercial terms; see the source and latest updates at Tanzil. Tanzil translation download