quranm◉

Surah Al-Waqi'ah transliteration

◉ Sura · ∞

56:1

إِذَا وَقَعَتِ ٱلۡوَاقِعَةُ ﴿1﴾

Transliteration: Itha waqaAAati alwaqiAAatu

Translation: Igihe umuhero w’isi wabaye;

56:2

لَيۡسَ لِوَقۡعَتِهَا كَاذِبَةٌ ﴿2﴾

Transliteration: Laysa liwaqAAatiha kathibatun

Translation: Ukuba kwawo, nta n’umwe ashobora kuguhakana;

56:3

خَافِضَةٞ رَّافِعَةٌ ﴿3﴾

Transliteration: Khafidatun rafiAAatun

Translation: Uzota abansi b’Imana Allah mu muriro, uduze abatoni bayo mu Bwami bw’ijuru.

56:4

إِذَا رُجَّتِ ٱلۡأَرۡضُ رَجّٗا ﴿4﴾

Transliteration: Itha rujjati alardu rajjan

Translation: Igihe isi yagigimye nya kugigima;

56:5

وَبُسَّتِ ٱلۡجِبَالُ بَسّٗا ﴿5﴾

Transliteration: Wabussati aljibalu bassan

Translation: Imisozi na yo ikavungagurika nya kuvungagurika;

56:6

فَكَانَتۡ هَبَآءٗ مُّنۢبَثّٗا ﴿6﴾

Transliteration: Fakanat habaan munbaththan

Translation: Igacika intumo itumurwa n’umuyaga mu kirere;

56:7

وَكُنتُمۡ أَزۡوَٰجٗا ثَلَٰثَةٗ ﴿7﴾

Transliteration: Wakuntum azwajan thalathatan

Translation: Maze na mwe ibiremwa mukagaburwa mu migwi itatu;

56:8

فَأَصۡحَٰبُ ٱلۡمَيۡمَنَةِ مَآ أَصۡحَٰبُ ٱلۡمَيۡمَنَةِ ﴿8﴾

Transliteration: Faashabu almaymanati ma ashabu almaymanati

Translation: Umugwi w’abantu b’iburyo. Ese icokwereka icubahiro cabo n’indishi bagenewe!

56:9

وَأَصۡحَٰبُ ٱلۡمَشۡـَٔمَةِ مَآ أَصۡحَٰبُ ٱلۡمَشۡـَٔمَةِ ﴿9﴾

Transliteration: Waashabu almashamati ma ashabu almashamati

Translation: Umugwi w’abantu b’ibubamfu. Ese icokwereka amagorwa bagowe n’ibihano bibarindiriye!

56:10

وَٱلسَّـٰبِقُونَ ٱلسَّـٰبِقُونَ ﴿10﴾

Transliteration: Waalssabiqoona alssabiqoona

Translation: Hamwe rero n’umugwi w’abahurumbira gukora ivyiza kw’isi, bazotanga abandi mu vyubahiro vyo mu buzima bw’inyuma yo gupfa;

56:11

أُوْلَـٰٓئِكَ ٱلۡمُقَرَّبُونَ ﴿11﴾

Transliteration: Olaika almuqarraboona

Translation: Aba rero, ni bo bazoba batonye hambavu y’Imana Allah;

56:12

فِي جَنَّـٰتِ ٱلنَّعِيمِ ﴿12﴾

Transliteration: Fee jannati alnnaAAeemi

Translation: Ikazobinjiza mu Bwami bw’ijuru bwuzuye inema.

56:13

ثُلَّةٞ مِّنَ ٱلۡأَوَّلِينَ ﴿13﴾

Transliteration: Thullatun mina alawwaleena

Translation: Hazokwinjira muri Bwo, umugwi munini w’abantu bo mu binjana vya mbere mu barungikiwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) hamwe n’abandi bantu bo kuva ku gihe ca Adamu;

56:14

وَقَلِيلٞ مِّنَ ٱلۡأٓخِرِينَ ﴿14﴾

Transliteration: Waqaleelun mina alakhireena

Translation: Hamwe rero n’umugwi w’abantu bake mu bakurikiye mu nyuma gushika ku musi w’iherezo[1];

56:15

عَلَىٰ سُرُرٖ مَّوۡضُونَةٖ ﴿15﴾

Transliteration: AAala sururin mawdoonatin

Translation: Bazoba bicaye ku bitanda bisharijwe n’inzahabu;

56:16

مُّتَّكِـِٔينَ عَلَيۡهَا مُتَقَٰبِلِينَ ﴿16﴾

Transliteration: Muttakieena AAalayha mutaqabileena

Translation: Bavyegamiyeko, bicaye barabana;

56:17

يَطُوفُ عَلَيۡهِمۡ وِلۡدَٰنٞ مُّخَلَّدُونَ ﴿17﴾

Transliteration: Yatoofu AAalayhim wildanun mukhalladoona

Translation: Bazoba bakikujwe n’imisore myiza, ikurakuranwa mu kubazimana, iri mu runganwe rumwe, idasaza, itigera ipfa;

56:18

بِأَكۡوَابٖ وَأَبَارِيقَ وَكَأۡسٖ مِّن مَّعِينٖ ﴿18﴾

Transliteration: Biakwabin waabareeqa wakasin min maAAeenin

Translation: Ibahereza ibinyobwa mu bikombe n’amabirika, maze bahabwe n’akarahuri k’inzoga zenzwe mu mazi y’imbizi itemba mu Bwami bw’ijuru;

56:19

لَّا يُصَدَّعُونَ عَنۡهَا وَلَا يُنزِفُونَ ﴿19﴾

Transliteration: La yusaddaAAoona AAanha wala yunzifoona

Translation: Ntibazosoma nya karahuri ngo bameneke umutwe, eka ntibazonaborerwa ngo umutwe uyayuke, batangure kudedemba bavuga ayamuhe;

56:20

وَفَٰكِهَةٖ مِّمَّا يَتَخَيَّرُونَ ﴿20﴾

Transliteration: Wafakihatin mimma yatakhayyaroona

Translation: Ibahereza n’ivyamwa bo bonyene bihitiyemwo;

56:21

وَلَحۡمِ طَيۡرٖ مِّمَّا يَشۡتَهُونَ ﴿21﴾

Transliteration: Walahmi tayrin mimma yashtahoona

Translation: Hamwe n’inyama z’inyoni bo bonyene bipfuza;

56:22

وَحُورٌ عِينٞ ﴿22﴾

Transliteration: Wahoorun AAeenun

Translation: Bazoba bafiseyo n’abakenyezi bo mu Bwami bw’ijuru barangwa n’ubwiza bw’akataraboneka (Hururayini);

56:23

كَأَمۡثَٰلِ ٱللُّؤۡلُوِٕ ٱلۡمَكۡنُونِ ﴿23﴾

Transliteration: Kaamthali allului almaknooni

Translation: Ku bwiza bwa nya bakenyezi, wogira ngo ni lulu[2] zikiri aho zaremewe, zitarakorwako n’iminwe y’abantu;

56:24

جَزَآءَۢ بِمَا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ ﴿24﴾

Transliteration: Jazaan bima kanoo yaAAmaloona

Translation: Iyo ni yo mpembo yabo ku vyo bari barakoze kw’isi.

56:25

لَا يَسۡمَعُونَ فِيهَا لَغۡوٗا وَلَا تَأۡثِيمًا ﴿25﴾

Transliteration: La yasmaAAoona feeha laghwan wala tatheeman

Translation: Muri nya Bwami, ntibazokwumva amajambo y’ikinyoma canke ay’imburakimazi;

56:26

إِلَّا قِيلٗا سَلَٰمٗا سَلَٰمٗا ﴿26﴾

Transliteration: Illa qeelan salaman salaman

Translation: Kiretse gusa ijambo riroranye ryeza umutima, n’iryo kuramukanya amahoro.

56:27

وَأَصۡحَٰبُ ٱلۡيَمِينِ مَآ أَصۡحَٰبُ ٱلۡيَمِينِ ﴿27﴾

Transliteration: Waashabu alyameeni ma ashabu alyameeni

Translation: Abantu b’iburyo. Ese icokwereka icubahiro cabo n’indishi bagenewe!

56:28

فِي سِدۡرٖ مَّخۡضُودٖ ﴿28﴾

Transliteration: Fee sidrin makhdoodin

Translation: Bazoba bari ahantu hari igiti ca Sidri kitagira amahwa;

56:29

وَطَلۡحٖ مَّنضُودٖ ﴿29﴾

Transliteration: Watalhin mandoodin

Translation: N’ibitoki vy’imihanyu igerekeranye;

56:30

وَظِلّٖ مَّمۡدُودٖ ﴿30﴾

Transliteration: Wathillin mamdoodin

Translation: Bari mu gatutu kamaho, katigera karenga;

56:31

وَمَآءٖ مَّسۡكُوبٖ ﴿31﴾

Transliteration: Wamain maskoobin

Translation: Hari n’amazi atemba, atigera akama;

56:32

وَفَٰكِهَةٖ كَثِيرَةٖ ﴿32﴾

Transliteration: Wafakihatin katheeratin

Translation: N’ivyamwa vy’ubwoko bwinshi vy’urutavanako;

56:33

لَّا مَقۡطُوعَةٖ وَلَا مَمۡنُوعَةٖ ﴿33﴾

Transliteration: La maqtooAAatin wala mamnooAAatin

Translation: Bitigera bihundura, ata n’ikibabuza kuvyamura borohewe;

56:34

وَفُرُشٖ مَّرۡفُوعَةٍ ﴿34﴾

Transliteration: Wafurushin marfooAAatin

Translation: Bazoba bicaye ku bisaswa bishashe neza ku bitanda.

56:35

إِنَّآ أَنشَأۡنَٰهُنَّ إِنشَآءٗ ﴿35﴾

Transliteration: Inna anshanahunna inshaan

Translation: Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Tuzoha abagore bo mu Bwami bw’ijuru indemo nshasha itandukanye kure cane n’iyo n’ukuntu bari bararemwe kw’isi;

56:36

فَجَعَلۡنَٰهُنَّ أَبۡكَارًا ﴿36﴾

Transliteration: FajaAAalnahunna abkaran

Translation: Maze Tubagire amasugi;

56:37

عُرُبًا أَتۡرَابٗا ﴿37﴾

Transliteration: AAuruban atraban

Translation: Yikundwakaza ku bagabo bayo, akaba no mu runganwe rumwe;

56:38

لِّأَصۡحَٰبِ ٱلۡيَمِينِ ﴿38﴾

Transliteration: Liashabi alyameeni

Translation: Tukazobaremera bushasha abantu b’iburyo;

56:39

ثُلَّةٞ مِّنَ ٱلۡأَوَّلِينَ ﴿39﴾

Transliteration: Thullatun mina alawwaleena

Translation: Ari na bo bagize umugwi w’abantu benshi b’imbere y’irungikwa ry’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah);

56:40

وَثُلَّةٞ مِّنَ ٱلۡأٓخِرِينَ ﴿40﴾

Transliteration: Wathullatun mina alakhireena

Translation: Hamwe rero n’umugwi w’abantu benshi bakurikiye mu nyuma gushika ku musi w’iherezo.

56:41

وَأَصۡحَٰبُ ٱلشِّمَالِ مَآ أَصۡحَٰبُ ٱلشِّمَالِ ﴿41﴾

Transliteration: Waashabu alshshimali ma ashabu alshshimali

Translation: Umugwi w’abantu b’ibubamfu. Ese icokwereka amagorwa bagowe n’ibihano bibarindiriye!

56:42

فِي سَمُومٖ وَحَمِيمٖ ﴿42﴾

Transliteration: Fee samoomin wahameemin

Translation: Bazoba bari mu bihano vy’umwokero w’umuriro wa Jahannamu bahezagurika, bahemburwa n’amazi yasebuye akaryimara, acagagura amara;

56:43

وَظِلّٖ مِّن يَحۡمُومٖ ﴿43﴾

Transliteration: Wathillin min yahmoomin

Translation: Bari mu gatutu k’umwotsi wa Jahannamu;

56:44

لَّا بَارِدٖ وَلَا كَرِيمٍ ﴿44﴾

Transliteration: La baridin wala kareemin

Translation: Si ahantu harangwa n’akayaga wokwipfuza gushikira; si n’ahantu hubashwe wokwipfuza kuraba ibihabera;

56:45

إِنَّهُمۡ كَانُواْ قَبۡلَ ذَٰلِكَ مُتۡرَفِينَ ﴿45﴾

Transliteration: Innahum kanoo qabla thalika mutrafeena

Translation: Mu vy’ukuri n’imbere y’aho bakiri kw’isi, bararyoherwa n’ibizira mu bihendamaso vyayo, bakirengagiza ukuri bazaniwe n’Intumwa z’Imana Allah;

56:46

وَكَانُواْ يُصِرُّونَ عَلَى ٱلۡحِنثِ ٱلۡعَظِيمِ ﴿46﴾

Transliteration: Wakanoo yusirroona AAala alhinthi alAAatheemi

Translation: Baranatsimbatara kw’igarariza n’ibangikanyamana, batiyumvira kwigaya;

56:47

وَكَانُواْ يَقُولُونَ أَئِذَا مِتۡنَا وَكُنَّا تُرَابٗا وَعِظَٰمًا أَءِنَّا لَمَبۡعُوثُونَ ﴿47﴾

Transliteration: Wakanoo yaqooloona aitha mitna wakunna turaban waAAithaman ainna lamabAAoothoona

Translation: Bahora bavuga mu guhakana izurwa ry’ibiremwa, bati: “Mbega burya, nitwapfa tugacika ivu n’amagufa yaboze mu kuzimu, tuzoheza dusubizwe ubuzima tuzuke koko!

56:48

أَوَءَابَآؤُنَا ٱلۡأَوَّلُونَ ﴿48﴾

Transliteration: Awa abaona alawwaloona

Translation: Burya, tuzozuka twebwe hamwe n’abavyeyi bacu bapfuye kera bagacika ivu!”.

56:49

قُلۡ إِنَّ ٱلۡأَوَّلِينَ وَٱلۡأٓخِرِينَ ﴿49﴾

Transliteration: Qul inna alawwaleena waalakhireena

Translation: Ntumwa y’Imana! Bakurire inkoni ku gishitsi, maze ubishure uti: “Mu vy’ukuri, abapfuye kera hamwe n’abazopfa mu nyuma muri Bene Adamu;

56:50

لَمَجۡمُوعُونَ إِلَىٰ مِيقَٰتِ يَوۡمٖ مَّعۡلُومٖ ﴿50﴾

Transliteration: LamajmooAAoona ila meeqati yawmin maAAloomin

Translation: Ni ukuri bose bazozuka, maze begeranirizwe hamwe ku musi nyezina w’izuka”.

56:51

ثُمَّ إِنَّكُمۡ أَيُّهَا ٱلضَّآلُّونَ ٱلۡمُكَذِّبُونَ ﴿51﴾

Transliteration: Thumma innakum ayyuha alddalloona almukaththiboona

Translation: Hanyuma rero ga bantu bahuvye inzira y’ukuri, bagahakana bivuye inyuma isezerano ry’Imana Allah;

56:52

لَأٓكِلُونَ مِن شَجَرٖ مِّن زَقُّومٖ ﴿52﴾

Transliteration: Laakiloona min shajarin min zaqqoomin

Translation: Ni ukuri, muzorya ku giti Zaqquumu kiri mu nyenga y’umuriro;

56:53

فَمَالِـُٔونَ مِنۡهَا ٱلۡبُطُونَ ﴿53﴾

Transliteration: Famalioona minha albutoona

Translation: Maze ku kwicwa n’inzara, muzokiryako ku kwuzuza inda;

56:54

فَشَٰرِبُونَ عَلَيۡهِ مِنَ ٱلۡحَمِيمِ ﴿54﴾

Transliteration: Fashariboona AAalayhi mina alhameemi

Translation: Muheze mushozeko n’amazi yasebuye akaryimara;

56:55

فَشَٰرِبُونَ شُرۡبَ ٱلۡهِيمِ ﴿55﴾

Transliteration: Fashariboona shurba alheemi

Translation: Muzoyanywa kenshi atabavuna akanyota, nka kurya kw’ingamiya inywa ntihere inyota ku burwayi;

56:56

هَٰذَا نُزُلُهُمۡ يَوۡمَ ٱلدِّينِ ﴿56﴾

Transliteration: Hatha nuzuluhum yawma alddeeni

Translation: Ivyo bihano bateguriwe rero, ni yo nduhuro yabo ku musi w’iharurirwa n’impera.

56:57

نَحۡنُ خَلَقۡنَٰكُمۡ فَلَوۡلَا تُصَدِّقُونَ ﴿57﴾

Transliteration: Nahnu khalaqnakum falawla tusaddiqoona

Translation: Bantu! Twebwe Allah, Twabaremye ata co mwari muri, Tubarema mu busa. Ubwo none, ntimwokwemera ko Dushoboye no kubazura inyuma yo gupfa!

56:58

أَفَرَءَيۡتُم مَّا تُمۡنُونَ ﴿58﴾

Transliteration: Afaraaytum ma tumnoona

Translation: Mbega ntimuraba ngo mubone intanga musesera mu gitereko c’abagore banyu;

56:59

ءَأَنتُمۡ تَخۡلُقُونَهُۥٓ أَمۡ نَحۡنُ ٱلۡخَٰلِقُونَ ﴿59﴾

Transliteration: Aantum takhluqoonahu am nahnu alkhaliqoona

Translation: Ni mwebwe muheza mukaziremamwo umuntu, canke ni Twebwe Turema!

56:60

نَحۡنُ قَدَّرۡنَا بَيۡنَكُمُ ٱلۡمَوۡتَ وَمَا نَحۡنُ بِمَسۡبُوقِينَ ﴿60﴾

Transliteration: Nahnu qaddarna baynakumu almawta wama nahnu bimasbooqeena

Translation: Twebwe Allah, umwe wese muri mwebwe, Twaramugeneye isango ryiwe ryo gupfa, ntitwonanirwa rero;

56:61

عَلَىٰٓ أَن نُّبَدِّلَ أَمۡثَٰلَكُمۡ وَنُنشِئَكُمۡ فِي مَا لَا تَعۡلَمُونَ ﴿61﴾

Transliteration: AAala an nubaddila amthalakum wanunshiakum fee ma la taAAlamoona

Translation: Kubarema ukundi ku musi w’izuka, maze Tukabarema ukuntu mutazi;

56:62

وَلَقَدۡ عَلِمۡتُمُ ٱلنَّشۡأَةَ ٱلۡأُولَىٰ فَلَوۡلَا تَذَكَّرُونَ ﴿62﴾

Transliteration: Walaqad AAalimtumu alnnashata aloola falawla tathakkaroona

Translation: Ni ukuri, mwaramenye ko Imana Allah Yabaremye iremwa rya mbere ata co mwari muri. Ubwo none, ntimwokwibuka ko Ishoboye no kubarema bushasha!

56:63

أَفَرَءَيۡتُم مَّا تَحۡرُثُونَ ﴿63﴾

Transliteration: Afaraaytum ma tahruthoona

Translation: Mbega murabona ivyo muteragira mu kurima!

56:64

ءَأَنتُمۡ تَزۡرَعُونَهُۥٓ أَمۡ نَحۡنُ ٱلزَّـٰرِعُونَ ﴿64﴾

Transliteration: Aantum tazraAAoonahu am nahnu alzzariAAoona

Translation: Ni mwebwe mubinagisha bikagondora biva mu kuzimu, canke ni Twebwe Tubinagisha bikamera!

56:65

لَوۡ نَشَآءُ لَجَعَلۡنَٰهُ حُطَٰمٗا فَظَلۡتُمۡ تَفَكَّهُونَ ﴿65﴾

Transliteration: Law nashao lajaAAalnahu hutaman fathaltum tafakkahoona

Translation: Iyo Dushaka rero, Twari kugira ivyo mwateragiye bigacika ubusize, maze mugasigara mwipfumbereje, mukumirwa muravye ivyashikiye ibiterwa vyanyu;

56:66

إِنَّا لَمُغۡرَمُونَ ﴿66﴾

Transliteration: Inna lamughramoona

Translation: Mukavuga muti: “Mu vy’ukuri, turaguye mu gahombo katagira izina;

56:67

بَلۡ نَحۡنُ مَحۡرُومُونَ ﴿67﴾

Transliteration: Bal nahnu mahroomoona

Translation: Ahubwo mbere turabuze n’icotubeshaho!”.

56:68

أَفَرَءَيۡتُمُ ٱلۡمَآءَ ٱلَّذِي تَشۡرَبُونَ ﴿68﴾

Transliteration: Afaraaytumu almaa allathee tashraboona

Translation: Mbega, ntimuraba ngo mubone amazi munywa kugira mubeho!

56:69

ءَأَنتُمۡ أَنزَلۡتُمُوهُ مِنَ ٱلۡمُزۡنِ أَمۡ نَحۡنُ ٱلۡمُنزِلُونَ ﴿69﴾

Transliteration: Aantum anzaltumoohu mina almuzni am nahnu almunziloona

Translation: Ni mwebwe muyamanura mu bicu maze hakagwa imvura kw’isi, canke ni Twebwe Allah Dutuma imvura igwa ku mpuhwe zacu!

56:70

لَوۡ نَشَآءُ جَعَلۡنَٰهُ أُجَاجٗا فَلَوۡلَا تَشۡكُرُونَ ﴿70﴾

Transliteration: Law nashao jaAAalnahu ojajan falawla tashkuroona

Translation: Iyo Dushaka rero, Twari kuyagira amazi y’icunyunyu ku buryo mudashobora kuyakoresha mu kunywa no mu kuvomera ibiterwa vyanyu. Ubwo none, ntimwoshimira Imana Allah ku nema yo kuronswa amazi y’akanovera!

56:71

أَفَرَءَيۡتُمُ ٱلنَّارَ ٱلَّتِي تُورُونَ ﴿71﴾

Transliteration: Afaraaytumu alnnara allatee tooroona

Translation: Mbega ntimuraba ngo mubone umucanwa mucana!

56:72

ءَأَنتُمۡ أَنشَأۡتُمۡ شَجَرَتَهَآ أَمۡ نَحۡنُ ٱلۡمُنشِـُٔونَ ﴿72﴾

Transliteration: Aantum anshatum shajarataha am nahnu almunshioona

Translation: Ni mwebwe mwaremye igiti cawo, canke ni Twebwe Allah Twakiremye!

56:73

نَحۡنُ جَعَلۡنَٰهَا تَذۡكِرَةٗ وَمَتَٰعٗا لِّلۡمُقۡوِينَ ﴿73﴾

Transliteration: Nahnu jaAAalnaha tathkiratan wamataAAan lilmuqweena

Translation: Twebwe Allah, Twabagiriye umucanwa kugira ubabere inkebuzo ibibutsa umuriro wa Jahannamu, no kugira ubere kirumara abari ku rugendo.

56:74

فَسَبِّحۡ بِٱسۡمِ رَبِّكَ ٱلۡعَظِيمِ ﴿74﴾

Transliteration: Fasabbih biismi rabbika alAAatheemi

Translation: Muvugishwamana! Ninahaza izina ry’Imana yawe Rurema Allah ku mazina yayo no ku matazirano yayo, Nyenicubahirogisumbavyose.

56:75

فَلَآ أُقۡسِمُ بِمَوَٰقِعِ ٱلنُّجُومِ ﴿75﴾

Transliteration: Fala oqsimu bimawaqiAAi alnnujoomi

Translation: Jewe Allah, Ndarahiye ku bituro inyenyeri zirengerako mu kirere!

56:76

وَإِنَّهُۥ لَقَسَمٞ لَّوۡ تَعۡلَمُونَ عَظِيمٌ ﴿76﴾

Transliteration: Wainnahu laqasamun law taAAlamoona AAatheemun

Translation: Iyo rero mu vy’ukuri, ni indahiro koko iyo mumenya uburemere bwayo buhambaye;

56:77

إِنَّهُۥ لَقُرۡءَانٞ كَرِيمٞ ﴿77﴾

Transliteration: Innahu laquranun kareemun

Translation: Mu vy’ukuri, iyi Qor’ani yahishuriwe Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ni Qor’ani yubashwe, irimwo ubumenyi n’ivyiza vyinshi;

56:78

فِي كِتَٰبٖ مَّكۡنُونٖ ﴿78﴾

Transliteration: Fee kitabin maknoonin

Translation: Yanditswe mu Gitabu gicungerewe n’abamalayika ku Mana Allah, ahatabonwa n’ibiremwa;

56:79

لَّا يَمَسُّهُۥٓ إِلَّا ٱلۡمُطَهَّرُونَ ﴿79﴾

Transliteration: La yamassuhu illa almutahharoona

Translation: Nta n’uwugikorako, kiretse abamalayika bubashwe bejejwe ivyaha. Eka mbere nta n’uwugikorako mu biremwa, kiretse abejejwe ibangikanyamana n'ibihumanya bituma umuntu yiyuhagira agatunganya n’isuku ryo gusenga.

56:80

تَنزِيلٞ مِّن رَّبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ ﴿80﴾

Transliteration: Tanzeelun min rabbi alAAalameena

Translation: Iyi Qor’ani, yamanuwe ivuye ku Mana Rurema Allah Yaremye ibiremwa vyose.

56:81

أَفَبِهَٰذَا ٱلۡحَدِيثِ أَنتُم مُّدۡهِنُونَ ﴿81﴾

Transliteration: Afabihatha alhadeethi antum mudhinoona

Translation: Mbega none ga babangikanyamana, ni iyi Qor’ani muhakana mwivuye inyuma!

56:82

وَتَجۡعَلُونَ رِزۡقَكُمۡ أَنَّكُمۡ تُكَذِّبُونَ ﴿82﴾

Transliteration: WatajAAaloona rizqakum annakum tukaththiboona

Translation: Maze mukagira ishimwa ry’inema z’Imana Allah, rikaba uguhakana mwivuye inyuma!

56:83

فَلَوۡلَآ إِذَا بَلَغَتِ ٱلۡحُلۡقُومَ ﴿83﴾

Transliteration: Falawla itha balaghati alhulqooma

Translation: Mbega burya igihe umuntu yoba ari ku mpfiro, umutima ugeze mu muhogo agira acikane;

56:84

وَأَنتُمۡ حِينَئِذٖ تَنظُرُونَ ﴿84﴾

Transliteration: Waantum heenaithin tanthuroona

Translation: Na mwe mukaba ari ho mwibereye muraba ukuntu asambagirika, mwoshobora gutuma adacikana! Muranguha.

56:85

وَنَحۡنُ أَقۡرَبُ إِلَيۡهِ مِنكُمۡ وَلَٰكِن لَّا تُبۡصِرُونَ ﴿85﴾

Transliteration: Wanahnu aqrabu ilayhi minkum walakin la tubsiroona

Translation: Kandi rero muri ico gihe, Twebwe Allah Tubicishije ku bamalayika, Tuba Turi hafi yiwe cane kurusha uko mumwegereye, ariko rero mwebwe ntimubabona.

56:86

فَلَوۡلَآ إِن كُنتُمۡ غَيۡرَ مَدِينِينَ ﴿86﴾

Transliteration: Falawla in kuntum ghayra madeeneena

Translation: Mbega nimwaba mutazoharurirwa ngo muhemberwe ivyo mwakoze;

56:87

تَرۡجِعُونَهَآ إِن كُنتُمۡ صَٰدِقِينَ ﴿87﴾

Transliteration: TarjiAAoonaha in kuntum sadiqeena

Translation: Murashobora gusubiza mu mubiri w’uwapfuye, inkomoko y’ubuzima “Roho” maze akaba muzima nimwaba muri imvugakuri! Muranguha.

56:88

فَأَمَّآ إِن كَانَ مِنَ ٱلۡمُقَرَّبِينَ ﴿88﴾

Transliteration: Faamma in kana mina almuqarrabeena

Translation: Uwapfuye rero, iyo ari uwo mu bantu bahurumbira gukora ivyiza, batonye ku Mana Allah;

56:89

فَرَوۡحٞ وَرَيۡحَانٞ وَجَنَّتُ نَعِيمٖ ﴿89﴾

Transliteration: Farawhun warayhanun wajannatu naAAeemin

Translation: Igihe co gucikana, aba ari mu mpuhwe z’Imana Allah hamwe n’umunezero nta ngere; akazohabwa n’Ubwami bw’ijuru bwuzuye inema.

56:90

وَأَمَّآ إِن كَانَ مِنۡ أَصۡحَٰبِ ٱلۡيَمِينِ ﴿90﴾

Transliteration: Waamma in kana min ashabi alyameeni

Translation: Iyo uwupfuye, ari uwo mu bantu b’iburyo naho;

56:91

فَسَلَٰمٞ لَّكَ مِنۡ أَصۡحَٰبِ ٱلۡيَمِينِ ﴿91﴾

Transliteration: Fasalamun laka min ashabi alyameeni

Translation: Mu gihe co gucikana abwirwa ati: “Urakagira iteka n’itekane kuba uri mu bantu b’iburyo”.

56:92

وَأَمَّآ إِن كَانَ مِنَ ٱلۡمُكَذِّبِينَ ٱلضَّآلِّينَ ﴿92﴾

Transliteration: Waamma in kana mina almukaththibeena alddalleena

Translation: Iyo uwupfuye, ari mu bahakana bivuye inyuma izurwa ry’ibiremwa, bahuvye inzira y’ukuri;

56:93

فَنُزُلٞ مِّنۡ حَمِيمٖ ﴿93﴾

Transliteration: Fanuzulun min hameemin

Translation: Azokwakirwa mu muriro wa Jahannamu, aheze azimanwe amazi yasebuye akaryimara;

56:94

وَتَصۡلِيَةُ جَحِيمٍ ﴿94﴾

Transliteration: Watasliyatu jaheemin

Translation: Maze yinjizwe mu muriro ururumba, aheze awote.

56:95

إِنَّ هَٰذَا لَهُوَ حَقُّ ٱلۡيَقِينِ ﴿95﴾

Transliteration: Inna hatha lahuwa haqqu alyaqeeni

Translation: Ntumwa y’Imana! Ibi Tukwiganiye, ni kwo kuri koko kudahinyuzwa.

56:96

فَسَبِّحۡ بِٱسۡمِ رَبِّكَ ٱلۡعَظِيمِ ﴿96﴾

Transliteration: Fasabbih biismi rabbika alAAatheemi

Translation: Muvugishwamana! Ninahaza izina ry’Imana yawe Rurema Allah ku mazina yayo no ku matazirano yayo, Nyenicubahirogisumbavyose.

Transliteration source: English Transliteration by Tanzil. Used under Tanzil's non-commercial terms; see the source and latest updates at Tanzil. Tanzil translation download