quranm◉

Surah Al-Mursalat transliteration

◉ Sura · ∞

77:1

وَٱلۡمُرۡسَلَٰتِ عُرۡفٗا ﴿1﴾

Transliteration: Waalmursalati AAurfan

Translation: Jewe Allah, Ndarahiye ku miyaga y’urukurikirane!

77:2

فَٱلۡعَٰصِفَٰتِ عَصۡفٗا ﴿2﴾

Transliteration: FaalAAasifati AAasfan

Translation: No ku miyaga y’igihuhusi!

77:3

وَٱلنَّـٰشِرَٰتِ نَشۡرٗا ﴿3﴾

Transliteration: Waalnnashirati nashran

Translation: No ku bamalayika bajejwe ikwiragiza ry’ibicu vy’imvura mu kirere!

77:4

فَٱلۡفَٰرِقَٰتِ فَرۡقٗا ﴿4﴾

Transliteration: Faalfariqati farqan

Translation: No ku bamalayika bajana ijambo ry’Imana Allah ritandukanya ukuri n’ikinyoma, rigatandukanya ikirekuwe n’ikizira!

77:5

فَٱلۡمُلۡقِيَٰتِ ذِكۡرًا ﴿5﴾

Transliteration: Faalmulqiyati thikran

Translation: No ku bamalayika bashikiriza ubutumwa barungikanwe ku Ntumwa z’Imana Allah;

77:6

عُذۡرًا أَوۡ نُذۡرًا ﴿6﴾

Transliteration: AAuthran aw nuthran

Translation: Kugira ngo bakureho ivyitwazo ku bagarariji, babagabishe no ku bihano vy’Imana Allah!

77:7

إِنَّمَا تُوعَدُونَ لَوَٰقِعٞ ﴿7﴾

Transliteration: Innama tooAAadoona lawaqiAAun

Translation: Mu vy’ukuri ibi vyose mwagabishijweko[1], nta nkeka ko bizoba ata gisivya.

77:8

فَإِذَا ٱلنُّجُومُ طُمِسَتۡ ﴿8﴾

Transliteration: Faitha alnnujoomu tumisat

Translation: Igihe inyenyeri zazimye, ntizisubire kwaka;

77:9

وَإِذَا ٱلسَّمَآءُ فُرِجَتۡ ﴿9﴾

Transliteration: Waitha alssamao furijat

Translation: Igihe n’ijuru ryase imigaga;

77:10

وَإِذَا ٱلۡجِبَالُ نُسِفَتۡ ﴿10﴾

Transliteration: Waitha aljibalu nusifat

Translation: Igihe n’imisozi yanyitse;

77:11

وَإِذَا ٱلرُّسُلُ أُقِّتَتۡ ﴿11﴾

Transliteration: Waitha alrrusulu oqqitat

Translation: Igihe n’Intumwa z’Imana zahawe umwanya wo kwagiriza abo zarungitsweko;

77:12

لِأَيِّ يَوۡمٍ أُجِّلَتۡ ﴿12﴾

Transliteration: Liayyi yawmin ojjilat

Translation: Ni ku musi uwuhe zirindirijweko kubagiriza?

77:13

لِيَوۡمِ ٱلۡفَصۡلِ ﴿13﴾

Transliteration: Liyawmi alfasli

Translation: Ni ku musi w’ubutungane ku biremwa.

77:14

وَمَآ أَدۡرَىٰكَ مَا يَوۡمُ ٱلۡفَصۡلِ ﴿14﴾

Transliteration: Wama adraka ma yawmu alfasli

Translation: Mbega, ni igiki cokumenyesha uwo musi w’ubutungane uwo ari wo?

77:15

وَيۡلٞ يَوۡمَئِذٖ لِّلۡمُكَذِّبِينَ ﴿15﴾

Transliteration: Waylun yawmaithin lilmukaththibeena

Translation: Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma umusi w’umuhero.

77:16

أَلَمۡ نُهۡلِكِ ٱلۡأَوَّلِينَ ﴿16﴾

Transliteration: Alam nuhliki alawwaleena

Translation: Mbega, ntitwahoneje abahakanyi b’aho hambere ku kubera igarariza ryabo ry’Intumwa!

77:17

ثُمَّ نُتۡبِعُهُمُ ٱلۡأٓخِرِينَ ﴿17﴾

Transliteration: Thumma nutbiAAuhumu alakhireena

Translation: Hanyuma Tubakurikiza abandi bakurikiye mu nyuma, bakagarariza nkabo!

77:18

كَذَٰلِكَ نَفۡعَلُ بِٱلۡمُجۡرِمِينَ ﴿18﴾

Transliteration: Kathalika nafAAalu bialmujrimeena

Translation: Ni nk’ukwo nyene rero Twebwe Allah, Tuzogira inkozi z’ikibi mu babangikanyamana b’i Makka bahakanye Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).

77:19

وَيۡلٞ يَوۡمَئِذٖ لِّلۡمُكَذِّبِينَ ﴿19﴾

Transliteration: Waylun yawmaithin lilmukaththibeena

Translation: Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma Imana Imwe Rudende Allah, Intumwa zayo, izuka ry’ibiremwa n’iharurirwa ryavyo.

77:20

أَلَمۡ نَخۡلُقكُّم مِّن مَّآءٖ مَّهِينٖ ﴿20﴾

Transliteration: Alam nakhluqkum min main maheenin

Translation: Mbega babangikanyamana! Twebwe Allah, ntitwabaremye mu mazi y’intanga agayitse!

77:21

فَجَعَلۡنَٰهُ فِي قَرَارٖ مَّكِينٍ ﴿21﴾

Transliteration: FajaAAalnahu fee qararin makeenin

Translation: Hanyuma Tuyashira mu gitereko gikingiwe c’umugore!

77:22

إِلَىٰ قَدَرٖ مَّعۡلُومٖ ﴿22﴾

Transliteration: Ila qadarin maAAloomin

Translation: Gushika ku kiringo categekanijwe kizwi n’Imana Allah;

77:23

فَقَدَرۡنَا فَنِعۡمَ ٱلۡقَٰدِرُونَ ﴿23﴾

Transliteration: Faqadarna faniAAma alqadiroona

Translation: Turaheza Tuyatunganyamwo ikiremwa-muntu gikwiye. Emwe! Ni Twebwe Allah, Abeza bo gutunganya indemo kurusha.

77:24

وَيۡلٞ يَوۡمَئِذٖ لِّلۡمُكَذِّبِينَ ﴿24﴾

Transliteration: Waylun yawmaithin lilmukaththibeena

Translation: Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma ubushobozi bw’Imana Allah bwo kurema no kuzura abapfuye.

77:25

أَلَمۡ نَجۡعَلِ ٱلۡأَرۡضَ كِفَاتًا ﴿25﴾

Transliteration: Alam najAAali alarda kifatan

Translation: Mbega Twebwe Allah, ntitwagize isi kuba iyegeranirizo!

77:26

أَحۡيَآءٗ وَأَمۡوَٰتٗا ﴿26﴾

Transliteration: Ahyaan waamwatan

Translation: Ry’abagihema bagendagenda kuri yo n’abasandavye bashingurwa muri yo!

77:27

وَجَعَلۡنَا فِيهَا رَوَٰسِيَ شَٰمِخَٰتٖ وَأَسۡقَيۡنَٰكُم مَّآءٗ فُرَاتٗا ﴿27﴾

Transliteration: WajaAAalna feeha rawasiya shamikhatin waasqaynakum maan furatan

Translation: Tuyishirako n’imisozi ishimitse miremire kugira ngo iturure, Tubanywesha n’amazi meza y’umusarara!

77:28

وَيۡلٞ يَوۡمَئِذٖ لِّلۡمُكَذِّبِينَ ﴿28﴾

Transliteration: Waylun yawmaithin lilmukaththibeena

Translation: Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma inema z’Imana Allah.

77:29

ٱنطَلِقُوٓاْ إِلَىٰ مَا كُنتُم بِهِۦ تُكَذِّبُونَ ﴿29﴾

Transliteration: Intaliqoo ila ma kuntum bihi tukaththiboona

Translation: Abamalayika bacungereye umuriro wa Jahannamu, bazobwira abagarariji bati: “Nimugende muri vya bihano mwahora muhakana ko mutazohabwa;

77:30

ٱنطَلِقُوٓاْ إِلَىٰ ظِلّٖ ذِي ثَلَٰثِ شُعَبٖ ﴿30﴾

Transliteration: Intaliqoo ila thillin thee thalathi shuAAabin

Translation: Nimugende mu gitutu c’umuriro wa Jahannamu gifise imfuruka zitatu;

77:31

لَّا ظَلِيلٖ وَلَا يُغۡنِي مِنَ ٱللَّهَبِ ﴿31﴾

Transliteration: La thaleelin wala yughnee mina allahabi

Translation: Si igitutu gikingira ubushuhe bw’uwo musi. Ntikizonabuza ko bababurwa n’urubeya rw’umuriro.

77:32

إِنَّهَا تَرۡمِي بِشَرَرٖ كَٱلۡقَصۡرِ ﴿32﴾

Transliteration: Innaha tarmee bishararin kaalqasri

Translation: Mu vy’ukuri uwo muriro wa Jahannamu, ucira amasase angana n’igorofa amahanga.

77:33

كَأَنَّهُۥ جِمَٰلَتٞ صُفۡرٞ ﴿33﴾

Transliteration: Kaannahu jimalatun sufrun

Translation: Isase rimwe riva muri wo, riguruka rimeze nk’ingamiya z’ibara ryirabura rija gusa n’umuhondo.

77:34

وَيۡلٞ يَوۡمَئِذٖ لِّلۡمُكَذِّبِينَ ﴿34﴾

Transliteration: Waylun yawmaithin lilmukaththibeena

Translation: Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma umusi w’izuka ry’ibiremwa n’intureka zawo.

77:35

هَٰذَا يَوۡمُ لَا يَنطِقُونَ ﴿35﴾

Transliteration: Hatha yawmu la yantiqoona

Translation: Uwo musi w’izuka, ni umusi abahakanyi batazoronka ico bavuga cobungura.

77:36

وَلَا يُؤۡذَنُ لَهُمۡ فَيَعۡتَذِرُونَ ﴿36﴾

Transliteration: Wala yuthanu lahum fayaAAtathiroona

Translation: Nta n’uburenganzira bazohabwa bwo kuvuga ngo biregure kuko batazoronka ico bireguza.

77:37

وَيۡلٞ يَوۡمَئِذٖ لِّلۡمُكَذِّبِينَ ﴿37﴾

Transliteration: Waylun yawmaithin lilmukaththibeena

Translation: Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma ibizoshika ku musi w’umuhero.

77:38

هَٰذَا يَوۡمُ ٱلۡفَصۡلِۖ جَمَعۡنَٰكُمۡ وَٱلۡأَوَّلِينَ ﴿38﴾

Transliteration: Hatha yawmu alfasli jamaAAnakum waalawwaleena

Translation: Uwo musi, ni umusi wo gutandukanya ukuri n’ikinyoma, Twabakoranije mwebwe abagarariji mu bantu barungikiwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) hamwe n’abagarariji b’aho hambere.

77:39

فَإِن كَانَ لَكُمۡ كَيۡدٞ فَكِيدُونِ ﴿39﴾

Transliteration: Fain kana lakum kaydun fakeedooni

Translation: Nimwaba rero mufise uburyo bwo kwigobotora mu bihano, nimubukoreshe muheze mukire ibihano vy’Imana Allah.

77:40

وَيۡلٞ يَوۡمَئِذٖ لِّلۡمُكَذِّبِينَ ﴿40﴾

Transliteration: Waylun yawmaithin lilmukaththibeena

Translation: Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma Imana Allah, Intumwa, Ibitabu vyayo n’umusi w’imperuka.

77:41

إِنَّ ٱلۡمُتَّقِينَ فِي ظِلَٰلٖ وَعُيُونٖ ﴿41﴾

Transliteration: Inna almuttaqeena fee thilalin waAAuyoonin

Translation: Mu vy’ukuri, abagamburukiramana batinya ibihano vy'Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo bakiri kw’isi, bazoba bari mu gatutu k'ibiti vy'ivyamwa katigera karenga, ahari n’inzuzi zitemba;

77:42

وَفَوَٰكِهَ مِمَّا يَشۡتَهُونَ ﴿42﴾

Transliteration: Wafawakiha mimma yashtahoona

Translation: N’ivyamwa bitandukanye mu vyo bipfuza;

77:43

كُلُواْ وَٱشۡرَبُواْ هَنِيٓـَٔۢا بِمَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ ﴿43﴾

Transliteration: Kuloo waishraboo haneean bima kuntum taAAmaloona

Translation: Bazobwirwa n'Imana Allah bati: “Nimufungure mwongere munywe n’akayabagu kenshi, ku vyiza mwari mwarakoze kw’isi.

77:44

إِنَّا كَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلۡمُحۡسِنِينَ ﴿44﴾

Transliteration: Inna kathalika najzee almuhsineena

Translation: Mu vy’ukuri Twebwe Allah, ukwo ni ko Duhemba abagwaneza”.

77:45

وَيۡلٞ يَوۡمَئِذٖ لِّلۡمُكَذِّبِينَ ﴿45﴾

Transliteration: Waylun yawmaithin lilmukaththibeena

Translation: Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma umusi w’impera n’iharurirwa ry’ibiremwa.

77:46

كُلُواْ وَتَمَتَّعُواْ قَلِيلًا إِنَّكُم مُّجۡرِمُونَ ﴿46﴾

Transliteration: Kuloo watamattaAAoo qaleelan innakum mujrimoona

Translation: Abahakanyi na bo bazoheza babwirwe bakiri kw’isi bati: “Nimufungure, muryoherwe akanya gato. Mu vy’ukuri, mwebwe muri inkozi z’ikibi”.

77:47

وَيۡلٞ يَوۡمَئِذٖ لِّلۡمُكَذِّبِينَ ﴿47﴾

Transliteration: Waylun yawmaithin lilmukaththibeena

Translation: Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma Imana Allah.

77:48

وَإِذَا قِيلَ لَهُمُ ٱرۡكَعُواْ لَا يَرۡكَعُونَ ﴿48﴾

Transliteration: Waitha qeela lahumu irkaAAoo la yarkaAAoona

Translation: Iyo babwiwe bati: “Enda rero nyabuna nimusenge mwunamire Imana Allah, ntibasenga ngo bayunamire”.

77:49

وَيۡلٞ يَوۡمَئِذٖ لِّلۡمُكَذِّبِينَ ﴿49﴾

Transliteration: Waylun yawmaithin lilmukaththibeena

Translation: Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma Qor’ani n’amabwirizwa y’Imana Allah.

77:50

فَبِأَيِّ حَدِيثِۭ بَعۡدَهُۥ يُؤۡمِنُونَ ﴿50﴾

Transliteration: Fabiayyi hadeethin baAAdahu yuminoona

Translation: Batemeye Qor’ani ntagatifu, ni ikihe gitabu inyuma ya Qor’ani bokwemera!

Transliteration source: English Transliteration by Tanzil. Used under Tanzil's non-commercial terms; see the source and latest updates at Tanzil. Tanzil translation download