quranm◉

Surah 'Abasa transliteration

◉ Sura · ∞

80:1

عَبَسَ وَتَوَلَّىٰٓ ﴿1﴾

Transliteration: AAabasa watawalla

Translation: Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yaranyinyiriwe mu maso, irirengagiza;

80:2

أَن جَآءَهُ ٱلۡأَعۡمَىٰ ﴿2﴾

Transliteration: An jaahu alaAAma

Translation: Bivuye ku kuza kw’impumyi Abdullaahi mwene Ummu Maktuum yaje iyigana ngo iyibaze[1].

80:3

وَمَا يُدۡرِيكَ لَعَلَّهُۥ يَزَّكَّىٰٓ ﴿3﴾

Transliteration: Wama yudreeka laAAallahu yazzakka

Translation: Ntumwa y’Imana! Ni igiki cogutuma umenya ukuri kw’ikimuzanye, kumbure hari n’aho yokwiyeza!

80:4

أَوۡ يَذَّكَّرُ فَتَنفَعَهُ ٱلذِّكۡرَىٰٓ ﴿4﴾

Transliteration: Aw yaththakkaru fatanfaAAahu alththikra

Translation: Canke ikibuka, ukwo kwibuka kukayungura.

80:5

أَمَّا مَنِ ٱسۡتَغۡنَىٰ ﴿5﴾

Transliteration: Amma mani istaghna

Translation: Nayo uwibona ko yikenuye, ntashake kwumvira Imana Allah;

80:6

فَأَنتَ لَهُۥ تَصَدَّىٰ ﴿6﴾

Transliteration: Faanta lahu tasadda

Translation: Ni we witwararitse kwumviriza!

80:7

وَمَا عَلَيۡكَ أَلَّا يَزَّكَّىٰ ﴿7﴾

Transliteration: Wama AAalayka alla yazzakka

Translation: Kandi nta mwikomo kuri wewe mu gihe atokwiyeza.

80:8

وَأَمَّا مَن جَآءَكَ يَسۡعَىٰ ﴿8﴾

Transliteration: Waamma man jaaka yasAAa

Translation: Nayo uwuje akugana n’umwitwarariko nta ngere, akaza anyaragasa;

80:9

وَهُوَ يَخۡشَىٰ ﴿9﴾

Transliteration: Wahuwa yakhsha

Translation: Kandi anatinya ibihano vy'Imana Allah, ashaka ubugororotsi;

80:10

فَأَنتَ عَنۡهُ تَلَهَّىٰ ﴿10﴾

Transliteration: Faanta AAanhu talahha

Translation: Ni we utitayeho ngo umwumvirize.

80:11

كَلَّآ إِنَّهَا تَذۡكِرَةٞ ﴿11﴾

Transliteration: Kalla innaha tathkiratun

Translation: Si ukwo namba Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri iki gisomwa ca Qor’ani, ni urwibutso kuri wewe no ku bandi bose.

80:12

فَمَن شَآءَ ذَكَرَهُۥ ﴿12﴾

Transliteration: Faman shaa thakarahu

Translation: Uwushaka rero aribuka Imana Allah akurikire Qor’ani ntagatifu;

80:13

فِي صُحُفٖ مُّكَرَّمَةٖ ﴿13﴾

Transliteration: Fee suhufin mukarramatin

Translation: Iri ku mpapuro zubahitse;

80:14

مَّرۡفُوعَةٖ مُّطَهَّرَةِۭ ﴿14﴾

Transliteration: MarfooAAatin mutahharatin

Translation: Zubashwe, zisukuye, zitagira akanenge;

80:15

بِأَيۡدِي سَفَرَةٖ ﴿15﴾

Transliteration: Biaydee safaratin

Translation: Zanditswe n’iminwe y’abanditsi bahishurira Intumwa amajambo y’Imana Allah;

80:16

كِرَامِۭ بَرَرَةٖ ﴿16﴾

Transliteration: Kiramin bararatin

Translation: Abamalayika batagatifu, beranda.

80:17

قُتِلَ ٱلۡإِنسَٰنُ مَآ أَكۡفَرَهُۥ ﴿17﴾

Transliteration: Qutila alinsanu ma akfarahu

Translation: Umuntu w’umugarariji yaravumwe; mbega yafashwe n’iki gituma yimonogoza mu kugarariza!

80:18

مِنۡ أَيِّ شَيۡءٍ خَلَقَهُۥ ﴿18﴾

Transliteration: Min ayyi shayin khalaqahu

Translation: Mbega, ntabona ico Imana Allah Yamuremyemwo!

80:19

مِن نُّطۡفَةٍ خَلَقَهُۥ فَقَدَّرَهُۥ ﴿19﴾

Transliteration: Min nutfatin khalaqahu faqaddarahu

Translation: Yamuremye mw’ima ry’intanga, Iraheza Iramutegekaniriza ubuzima bwiwe;

80:20

ثُمَّ ٱلسَّبِيلَ يَسَّرَهُۥ ﴿20﴾

Transliteration: Thumma alssabeela yassarahu

Translation: Hanyuma Imutomorera inzira y’iciza n’iy’ikibi;

80:21

ثُمَّ أَمَاتَهُۥ فَأَقۡبَرَهُۥ ﴿21﴾

Transliteration: Thumma amatahu faaqbarahu

Translation: Iraheza Iramwica, Iramushingura mu cubahiro;

80:22

ثُمَّ إِذَا شَآءَ أَنشَرَهُۥ ﴿22﴾

Transliteration: Thumma itha shaa ansharahu

Translation: Hanyuma igihe Yabishatse, Izomuzura, Imusubize ubuzima, kugira Imuharurire Inamuhembere ivyo yakoze.

80:23

كَلَّا لَمَّا يَقۡضِ مَآ أَمَرَهُۥ ﴿23﴾

Transliteration: Kalla lamma yaqdi ma amarahu

Translation: Nateshwe ate, arahumba! Ntarakora ivyo Imana yiwe Rurema Yamutegetse mu mabwirizwa.

80:24

فَلۡيَنظُرِ ٱلۡإِنسَٰنُ إِلَىٰ طَعَامِهِۦٓ ﴿24﴾

Transliteration: Falyanthuri alinsanu ila taAAamihi

Translation: Maze umuntu nabanze yitegereze ukuntu Twaremye imfungurwa zimubeshejeho.

80:25

أَنَّا صَبَبۡنَا ٱلۡمَآءَ صَبّٗا ﴿25﴾

Transliteration: Anna sababna almaa sabban

Translation: Si ivy’imbeshere, Twebwe Allah Twarasukiriye amazi y’imvura kw’isi;

80:26

ثُمَّ شَقَقۡنَا ٱلۡأَرۡضَ شَقّٗا ﴿26﴾

Transliteration: Thumma shaqaqna alarda shaqqan

Translation: Hanyuma Twatura isi imigaga ibiterwa bitanguye kugonda;

80:27

فَأَنۢبَتۡنَا فِيهَا حَبّٗا ﴿27﴾

Transliteration: Faanbatna feeha habban

Translation: Maze Tuyinagishako intete;

80:28

وَعِنَبٗا وَقَضۡبٗا ﴿28﴾

Transliteration: WaAAinaban waqadban

Translation: Imizabibu n’ivyatsi vy’ibitungwa;

80:29

وَزَيۡتُونٗا وَنَخۡلٗا ﴿29﴾

Transliteration: Wazaytoonan wanakhlan

Translation: Imizayituni n’itende;

80:30

وَحَدَآئِقَ غُلۡبٗا ﴿30﴾

Transliteration: Wahadaiqa ghulban

Translation: Amashamba atotahaye azitanye;

80:31

وَفَٰكِهَةٗ وَأَبّٗا ﴿31﴾

Transliteration: Wafakihatan waabban

Translation: Ibiti vy’ivyamwa bitandukanye hamwe n’uburagiriro;

80:32

مَّتَٰعٗا لَّكُمۡ وَلِأَنۡعَٰمِكُمۡ ﴿32﴾

Transliteration: MataAAan lakum walianAAamikum

Translation: Twaremye ivyo vyose, kugira muryoherwe, mwebwe n’ibitungwa vyanyu, muvyikoreko.

80:33

فَإِذَا جَآءَتِ ٱلصَّآخَّةُ ﴿33﴾

Transliteration: Faitha jaati alssakhkhatu

Translation: Igihe rero humvikanye ijwi nziba-matwi ry’inzamba yo kuzuka;

80:34

يَوۡمَ يَفِرُّ ٱلۡمَرۡءُ مِنۡ أَخِيهِ ﴿34﴾

Transliteration: Yawma yafirru almaro min akheehi

Translation: Umusi umuntu azohunga mwenewabo kubera intureka;

80:35

وَأُمِّهِۦ وَأَبِيهِ ﴿35﴾

Transliteration: Waommihi waabeehi

Translation: Akanahunga nyina wiwe, na se wiwe;

80:36

وَصَٰحِبَتِهِۦ وَبَنِيهِ ﴿36﴾

Transliteration: Wasahibatihi wabaneehi

Translation: Umugore wiwe, n’ibibondo vyiwe;

80:37

لِكُلِّ ٱمۡرِيٕٖ مِّنۡهُمۡ يَوۡمَئِذٖ شَأۡنٞ يُغۡنِيهِ ﴿37﴾

Transliteration: Likulli imriin minhum yawmaithin shanun yughneehi

Translation: Umuntu wese, kuri uwo musi azoba arajwe ishinga n’ibimuhanze ku gatwe kiwe.

80:38

وُجُوهٞ يَوۡمَئِذٖ مُّسۡفِرَةٞ ﴿38﴾

Transliteration: Wujoohun yawmaithin musfiratun

Translation: Uwo musi, abemeramana bazosayangana mu maso;

80:39

ضَاحِكَةٞ مُّسۡتَبۡشِرَةٞ ﴿39﴾

Transliteration: Dahikatun mustabshiratun

Translation: Batwengatwenga, akanyamuneza nta ngere kabasya.

80:40

وَوُجُوهٞ يَوۡمَئِذٍ عَلَيۡهَا غَبَرَةٞ ﴿40﴾

Transliteration: Wawujoohun yawmaithin AAalayha ghabaratun

Translation: Uwo musi, hari n’abandi bazoba buzuye inkungugu mu maso, bajumarariwe;

80:41

تَرۡهَقُهَا قَتَرَةٌ ﴿41﴾

Transliteration: Tarhaquha qataratun

Translation: Bijiriwe, babuze ayo bacira n’ayo bamira, bagayitse.

80:42

أُوْلَـٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡكَفَرَةُ ٱلۡفَجَرَةُ ﴿42﴾

Transliteration: Olaika humu alkafaratu alfajaratu

Translation: Abo rero, ni bo bagarariji, abagizi ba nabi.

Transliteration source: English Transliteration by Tanzil. Used under Tanzil's non-commercial terms; see the source and latest updates at Tanzil. Tanzil translation download