quranm◉

Surah Al-Buruj transliteration

◉ Sura · ∞

85:1

وَٱلسَّمَآءِ ذَاتِ ٱلۡبُرُوجِ ﴿1﴾

Transliteration: Waalssamai thati alburooji

Translation: Jewe Allah, Ndarahiye kw’ijuru rifise inzira-ntasobwa z’izuba n’ukwezi!

85:2

وَٱلۡيَوۡمِ ٱلۡمَوۡعُودِ ﴿2﴾

Transliteration: Waalyawmi almawAAoodi

Translation: No ku musi w’isango ryategekanijwe ry’izuka ry’ibiremwa!

85:3

وَشَاهِدٖ وَمَشۡهُودٖ ﴿3﴾

Transliteration: Washahidin wamashhoodin

Translation: No ku cabona cagiriza no ku wagirizwa[1]!

85:4

قُتِلَ أَصۡحَٰبُ ٱلۡأُخۡدُودِ ﴿4﴾

Transliteration: Qutila ashabu alukhdoodi

Translation: Harahonejwe abantu Benibinogo amahanga bimbiye abemeramana;

85:5

ٱلنَّارِ ذَاتِ ٱلۡوَقُودِ ﴿5﴾

Transliteration: Alnnari thati alwaqoodi

Translation: Baraheza bavyatsamwo umuriro wenyegejwe;

85:6

إِذۡ هُمۡ عَلَيۡهَا قُعُودٞ ﴿6﴾

Transliteration: Ith hum AAalayha quAAoodun

Translation: Igihe bari bicaye hambavu yavyo;

85:7

وَهُمۡ عَلَىٰ مَا يَفۡعَلُونَ بِٱلۡمُؤۡمِنِينَ شُهُودٞ ﴿7﴾

Transliteration: Wahum AAala ma yafAAaloona bialmumineena shuhoodun

Translation: Bitegereza ivyo bakorera abemeramana mu bihano.

85:8

وَمَا نَقَمُواْ مِنۡهُمۡ إِلَّآ أَن يُؤۡمِنُواْ بِٱللَّهِ ٱلۡعَزِيزِ ٱلۡحَمِيدِ ﴿8﴾

Transliteration: Wama naqamoo minhum illa an yuminoo biAllahi alAAazeezi alhameedi

Translation: Nta na kimwe babahoye atari uko bemera Imana Imwe Rudende Allah, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenugushimwa, Ishimwa ku mazina, amatazirano n’ibikorwa vyayo mu bihe vyose.

85:9

ٱلَّذِي لَهُۥ مُلۡكُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۚ وَٱللَّهُ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ شَهِيدٌ ﴿9﴾

Transliteration: Allathee lahu mulku alssamawati waalardi waAllahu AAala kulli shayin shaheedun

Translation: Ni Yo Nyenubwami, Igaba Ikaganza amajuru n’isi n’ibiri muri vyo vyose. Burya Imana Allah, Irazi ikintu ico ari co cose.

85:10

إِنَّ ٱلَّذِينَ فَتَنُواْ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ وَٱلۡمُؤۡمِنَٰتِ ثُمَّ لَمۡ يَتُوبُواْ فَلَهُمۡ عَذَابُ جَهَنَّمَ وَلَهُمۡ عَذَابُ ٱلۡحَرِيقِ ﴿10﴾

Transliteration: Inna allatheena fatanoo almumineena waalmuminati thumma lam yatooboo falahum AAathabu jahannama walahum AAathabu alhareeqi

Translation: Mu vy’ukuri, abatoteje abemeramana n’abemeramanakazi mu kubaturira kugira bavavanure n’idini ry’Imana Allah, hanyuma ntibigaya ku Mana Allah ngo basabe imbabazi, abo bazohanwa mu muriro wa Jahannamu, baranategekanirijwe ibihano vyo guturirwa.

85:11

إِنَّ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّـٰلِحَٰتِ لَهُمۡ جَنَّـٰتٞ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهَا ٱلۡأَنۡهَٰرُۚ ذَٰلِكَ ٱلۡفَوۡزُ ٱلۡكَبِيرُ ﴿11﴾

Transliteration: Inna allatheena amanoo waAAamiloo alssalihati lahum jannatun tajree min tahtiha alanharu thalika alfawzu alkabeeru

Translation: Mu vy’ukuri, abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakanakora n'ivyiza bitegetswe, barategekanirijwe imirima itotahaye mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi. Iyo, ni yo ntsinzi ihambaye.

85:12

إِنَّ بَطۡشَ رَبِّكَ لَشَدِيدٌ ﴿12﴾

Transliteration: Inna batsha rabbika lashadeedun

Translation: Mu vy’ukuri, uguhana kw’Imana yawe Rurema Allah kurahambaye.

85:13

إِنَّهُۥ هُوَ يُبۡدِئُ وَيُعِيدُ ﴿13﴾

Transliteration: Innahu huwa yubdio wayuAAeedu

Translation: Mu vy’ukuri, ni Yo Yatanguje kurema ibiremwa vyose ata co Irinze gufatirako, kandi ni Yo Izobisubiza ubuzima, biheze bizuke.

85:14

وَهُوَ ٱلۡغَفُورُ ٱلۡوَدُودُ ﴿14﴾

Transliteration: Wahuwa alghafooru alwadoodu

Translation: Ni na Yo Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenurukundo-ntangere ku batoni bayo.

85:15

ذُو ٱلۡعَرۡشِ ٱلۡمَجِيدُ ﴿15﴾

Transliteration: Thoo alAAarshi almajeedi

Translation: Nyenubuhangamo, Nyeniteka.

85:16

فَعَّالٞ لِّمَا يُرِيدُ ﴿16﴾

Transliteration: FaAAAAalun lima yureedu

Translation: Ikorana ubwira ico Ishatse, ntakiyinanira.

85:17

هَلۡ أَتَىٰكَ حَدِيثُ ٱلۡجُنُودِ ﴿17﴾

Transliteration: Hal ataka hadeethu aljunoodi

Translation: Ntumwa y’Imana! Mbega, woba warashikiriwe n’inkuru y’ivyashikiye ingabo z’abagarariji!

85:18

فِرۡعَوۡنَ وَثَمُودَ ﴿18﴾

Transliteration: FirAAawna wathamooda

Translation: Ingabo za Firawuni n’iza Bene Thamuudi!

85:19

بَلِ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ فِي تَكۡذِيبٖ ﴿19﴾

Transliteration: Bali allatheena kafaroo fee taktheebin

Translation: Ahubwo abagararije Imana Allah bishinga kubandanya bahakana nk’ab’aho hambere.

85:20

وَٱللَّهُ مِن وَرَآئِهِم مُّحِيطُۢ ﴿20﴾

Transliteration: WaAllahu min waraihim muheetun

Translation: Burya Imana Allah na Yo ku bushobozi n’ubumenyi vyayo, Irabakikuje ku mpande zose, nta buhungiro.

85:21

بَلۡ هُوَ قُرۡءَانٞ مَّجِيدٞ ﴿21﴾

Transliteration: Bal huwa quranun majeedun

Translation: Iyo Qor’ani bahakana, si amajambo y’abantu! Ahubwo, ni Qor’ani ntagatifu;

85:22

فِي لَوۡحٖ مَّحۡفُوظِۭ ﴿22﴾

Transliteration: Fee lawhin mahfoothin

Translation: Yanditswe ku kibaho kibungabunzwe neza “Lawhu Mahfuudhw”.

Transliteration source: English Transliteration by Tanzil. Used under Tanzil's non-commercial terms; see the source and latest updates at Tanzil. Tanzil translation download