quranm◉

Surah Ad-Duhaa transliteration

◉ Sura · ∞

93:1

وَٱلضُّحَىٰ ﴿1﴾

Transliteration: Waaldduha

Translation: Jewe Allah, Ndarahiye ku gihe c’umutaga!

93:2

وَٱلَّيۡلِ إِذَا سَجَىٰ ﴿2﴾

Transliteration: Waallayli itha saja

Translation: No kw’ijoro iyo ripfutse ibiremwa bigaturura!

93:3

مَا وَدَّعَكَ رَبُّكَ وَمَا قَلَىٰ ﴿3﴾

Transliteration: Ma waddaAAaka rabbuka wama qala

Translation: Ko Imana yawe Rurema Allah Itaguhevye Muvugishwamana; kandi ko Itanagushavuriye ku guteba kw’ihishurirwa rya Qor’ani.

93:4

وَلَلۡأٓخِرَةُ خَيۡرٞ لَّكَ مِنَ ٱلۡأُولَىٰ ﴿4﴾

Transliteration: Walalakhiratu khayrun laka mina aloola

Translation: Nta nkeka rero ko ubuzima bwawe bw’inyuma yo gupfa, ari bwiza kurusha ubwo kw’isi.

93:5

وَلَسَوۡفَ يُعۡطِيكَ رَبُّكَ فَتَرۡضَىٰٓ ﴿5﴾

Transliteration: Walasawfa yuAAteeka rabbuka fatarda

Translation: Kandi nta nkeka ko Imana yawe Rurema Allah, Izoguha vyinshi uzoheza ugashima.

93:6

أَلَمۡ يَجِدۡكَ يَتِيمٗا فَـَٔاوَىٰ ﴿6﴾

Transliteration: Alam yajidka yateeman faawa

Translation: Muvugishwamana! Mbega, Imana Allah ntiyagusanze uri impfuvyi, Ikakubungabunga!

93:7

وَوَجَدَكَ ضَآلّٗا فَهَدَىٰ ﴿7﴾

Transliteration: Wawajadaka dallan fahada

Translation: Igusanga utazi ico ari co Igitabu, n’ico ari co ukwemera! Iraheza Irakwigisha ivyo utari uzi, Inagushoboza gukora n'ivyiza bitegetswe!

93:8

وَوَجَدَكَ عَآئِلٗا فَأَغۡنَىٰ ﴿8﴾

Transliteration: Wawajadaka AAailan faaghna

Translation: Igusanga ukenye maze Iragukenura, Iguha ukwihangana no kubumbwa n’ivyo ufise!

93:9

فَأَمَّا ٱلۡيَتِيمَ فَلَا تَقۡهَرۡ ﴿9﴾

Transliteration: Faamma alyateema fala taqhar

Translation: Kubera ivyo rero, ntukaryagumbe impfuvyi ngo uyihahaze.

93:10

وَأَمَّا ٱلسَّآئِلَ فَلَا تَنۡهَرۡ ﴿10﴾

Transliteration: Waamma alssaila fala tanhar

Translation: Nayo uwusavye gufashwa canke kwigishwa, ntukamuburabuze, ahubwo muhe unamutunganirize;

93:11

وَأَمَّا بِنِعۡمَةِ رَبِّكَ فَحَدِّثۡ ﴿11﴾

Transliteration: Waamma biniAAmati rabbika fahaddith

Translation: Nayo inema z’Imana yawe Rurema Allah, ziyage ushima.

Transliteration source: English Transliteration by Tanzil. Used under Tanzil's non-commercial terms; see the source and latest updates at Tanzil. Tanzil translation download