94:1أَلَمۡ نَشۡرَحۡ لَكَ صَدۡرَكَ ﴿1﴾أَلَمۡ نَشۡرَحۡ لَكَ صَدۡرَكَ
Transliteration: Alam nashrah laka sadraka
Translation: Muvugishwamana! Mbega, Twebwe Allah, ntitwakwaguriye igikiriza cawe mu kuguha ukwihangana, kugira ushobore kwakira ubutumwa no kubushikiriza!
94:2وَوَضَعۡنَا عَنكَ وِزۡرَكَ ﴿2﴾وَوَضَعۡنَا عَنكَ وِزۡرَكَ
Transliteration: WawadaAAna AAanka wizraka
Translation: Turaheza Tugukurako umutwaro (w’uko abantu bawe warungitsweko batotumbera inzira)!
94:3ٱلَّذِيٓ أَنقَضَ ظَهۡرَكَ ﴿3﴾ٱلَّذِيٓ أَنقَضَ ظَهۡرَكَ
Transliteration: Allathee anqada thahraka
Translation: Umutwaro wari uremereye umugongo wawe;
94:4وَرَفَعۡنَا لَكَ ذِكۡرَكَ ﴿4﴾وَرَفَعۡنَا لَكَ ذِكۡرَكَ
Transliteration: WarafaAAna laka thikraka
Translation: Gutyo, ku kubera imigenzo myiza wahawe, Tukudugiriza icubahiro.
94:5فَإِنَّ مَعَ ٱلۡعُسۡرِ يُسۡرًا ﴿5﴾فَإِنَّ مَعَ ٱلۡعُسۡرِ يُسۡرًا
Transliteration: Fainna maAAa alAAusri yusran
Translation: Ntuzobuzwe rero n’ibangamirwa ry’abakwanka, gushikiriza ubutumwa. Burya mu vy’ukuri, akaga n’agahengwe biragendana.
94:6إِنَّ مَعَ ٱلۡعُسۡرِ يُسۡرٗا ﴿6﴾إِنَّ مَعَ ٱلۡعُسۡرِ يُسۡرٗا
Transliteration: Inna maAAa alAAusri yusran
Translation: Burya mu vy’ukuri, akaga n’agahengwe biragendana.
94:7فَإِذَا فَرَغۡتَ فَٱنصَبۡ ﴿7﴾فَإِذَا فَرَغۡتَ فَٱنصَبۡ
Transliteration: Faitha faraghta fainsab
Translation: Kubera ivyo rero, iyo uhejeje gutunganya ibikenewe mu vy’isi, senga ushimire Imana Allah;
94:8وَإِلَىٰ رَبِّكَ فَٱرۡغَب ﴿8﴾وَإِلَىٰ رَبِّكَ فَٱرۡغَب
Transliteration: Waila rabbika fairghab
Translation: Unatakambe cane urondera ibiri ku Mana yawe Rurema Allah.
Transliteration source: English Transliteration by Tanzil. Used under Tanzil's non-commercial terms; see the source and latest updates at Tanzil. Tanzil translation download