وَٱلصَّـٰٓفَّـٰتِ صَفّٗا ﴿1﴾وَٱلصَّـٰٓفَّـٰتِ صَفّٗا
Transliteration: Waalssaffati saffan
Translation: Ndarahiye Jewe Allah, ku bamalayika batonda ku murongo mu gusenga;
وَٱلصَّـٰٓفَّـٰتِ صَفّٗا ﴿1﴾وَٱلصَّـٰٓفَّـٰتِ صَفّٗا
Transliteration: Waalssaffati saffan
Translation: Ndarahiye Jewe Allah, ku bamalayika batonda ku murongo mu gusenga;
فَٱلزَّـٰجِرَٰتِ زَجۡرٗا ﴿2﴾فَٱلزَّـٰجِرَٰتِ زَجۡرٗا
Transliteration: Faalzzajirati zajran
Translation: No ku bamalayika basunika ibicu vy’imvura kw’itegeko ryanje;
فَٱلتَّـٰلِيَٰتِ ذِكۡرًا ﴿3﴾فَٱلتَّـٰلِيَٰتِ ذِكۡرًا
Transliteration: Faalttaliyati thikran
Translation: No ku bamalayika basoma urwibutso n’amajambo yanje mu guhishurira Intumwa[1]!
إِنَّ إِلَٰهَكُمۡ لَوَٰحِدٞ ﴿4﴾إِنَّ إِلَٰهَكُمۡ لَوَٰحِدٞ
Transliteration: Inna ilahakum lawahidun
Translation: Mu vy’ukuri ga bantu! Imana yanyu mukwiye gusenga Itabangikanywa, ni Imana Imwe Rudende Allah.
رَّبُّ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَمَا بَيۡنَهُمَا وَرَبُّ ٱلۡمَشَٰرِقِ ﴿5﴾رَّبُّ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَمَا بَيۡنَهُمَا وَرَبُّ ٱلۡمَشَٰرِقِ
Transliteration: Rabbu alssamawati waalardi wama baynahuma warabbu almashariqi
Translation: Ni Yo Mana Rurema Yaremye amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo, ni na Yo Mubungabunzi w’izuba mu buseruko no mu burengero bwaryo.
إِنَّا زَيَّنَّا ٱلسَّمَآءَ ٱلدُّنۡيَا بِزِينَةٍ ٱلۡكَوَاكِبِ ﴿6﴾إِنَّا زَيَّنَّا ٱلسَّمَآءَ ٱلدُّنۡيَا بِزِينَةٍ ٱلۡكَوَاكِبِ
Transliteration: Inna zayyanna alssamaa alddunya bizeenatin alkawakibi
Translation: Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twarasharije n’inyenyeri ijuru ryegereye isi;
وَحِفۡظٗا مِّن كُلِّ شَيۡطَٰنٖ مَّارِدٖ ﴿7﴾وَحِفۡظٗا مِّن كُلِّ شَيۡطَٰنٖ مَّارِدٖ
Transliteration: Wahifthan min kulli shaytanin maridin
Translation: Turaheza Turaribungabunga, kugira ntirivogerwe n’uwo wese mu ntagondwa z’amashetani;
لَّا يَسَّمَّعُونَ إِلَى ٱلۡمَلَإِ ٱلۡأَعۡلَىٰ وَيُقۡذَفُونَ مِن كُلِّ جَانِبٖ ﴿8﴾لَّا يَسَّمَّعُونَ إِلَى ٱلۡمَلَإِ ٱلۡأَعۡلَىٰ وَيُقۡذَفُونَ مِن كُلِّ جَانِبٖ
Transliteration: La yassammaAAoona ila almalai alaAAla wayuqthafoona min kulli janibin
Translation: Amashetani rero, ntashobora gushika ahari abamalayika mu majuru ngo aheze asume urusaku kw’ihishurwa ry’ibijanye n’amabwirizwa, ivyagezwe hamwe n’ishirwa mu ngiro ryavyo. Amashetani ahirahiye agasuma urusaku, aca aterwa ibishirira vya nyakotsi biturutse ku mpande zose;
دُحُورٗاۖ وَلَهُمۡ عَذَابٞ وَاصِبٌ ﴿9﴾دُحُورٗاۖ وَلَهُمۡ عَذَابٞ وَاصِبٌ
Transliteration: Duhooran walahum AAathabun wasibun
Translation: Akirukanwa kugira ntashobore gusuma nya rusaku, yaranategekanirijwe n’ibihano vyamaho mu buzima bw’inyuma yo gupfa;
إِلَّا مَنۡ خَطِفَ ٱلۡخَطۡفَةَ فَأَتۡبَعَهُۥ شِهَابٞ ثَاقِبٞ ﴿10﴾إِلَّا مَنۡ خَطِفَ ٱلۡخَطۡفَةَ فَأَتۡبَعَهُۥ شِهَابٞ ثَاقِبٞ
Transliteration: Illa man khatifa alkhatfata faatbaAAahu shihabun thaqibun
Translation: Kiretse shetani isamiye hejuru ijambo rimwe muri iryo suma ry’urusaku, igaca iribwira iyiri musi yayo; ino na yo ikaribwira iyindi iri musi yayo gushika ku yiri kw’isi. Hari n’aho rero, ikurikizwa igishirira ca nyakotsi kikayiturira imbere yuko iribwira iyiri musi yayo. Hari n’igihe bishika rero mu vyagezwe n’Imana Allah, ikarisamira hejuru ikaribwira iyiri musi yayo imbere yuko ishikirwa na nya gishirira kikayiturira, maze iya nyuma muri yo ikarishikiriza ba senyagara n’abapfumu, na bo bagaca baryuhirako ayandi majambo ijana y’ikinyoma.
فَٱسۡتَفۡتِهِمۡ أَهُمۡ أَشَدُّ خَلۡقًا أَم مَّنۡ خَلَقۡنَآۚ إِنَّا خَلَقۡنَٰهُم مِّن طِينٖ لَّازِبِۭ ﴿11﴾فَٱسۡتَفۡتِهِمۡ أَهُمۡ أَشَدُّ خَلۡقًا أَم مَّنۡ خَلَقۡنَآۚ إِنَّا خَلَقۡنَٰهُم مِّن طِينٖ لَّازِبِۭ
Transliteration: Faistaftihim ahum ashaddu khalqan am man khalaqna inna khalaqnahum min teenin lazibin
Translation: Ntumwa y’Imana! Baza abahakana bivuye inyuma izurwa ry’ibiremwa, ko iremwa ryabo ari ryo rigoye cane gusumba iremwa ry’ibindi biremwa Twaremye! Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twaremye se wabo Adamu mw’ivu ribomvye.
بَلۡ عَجِبۡتَ وَيَسۡخَرُونَ ﴿12﴾بَلۡ عَجِبۡتَ وَيَسۡخَرُونَ
Transliteration: Bal AAajibta wayaskharoona
Translation: Ntumwa y’Imana! Ahubwo icogutangaza, ni ihakana ryabo ry’izurwa ry’ibiremwa; n’icogutangaza kurusha, ni itebura ryabo kuri wewe n’isuzugurwa ry’amajambo yawe!
وَإِذَا ذُكِّرُواْ لَا يَذۡكُرُونَ ﴿13﴾وَإِذَا ذُكِّرُواْ لَا يَذۡكُرُونَ
Transliteration: Waitha thukkiroo la yathkuroona
Translation: N’iyo bibukijwe ku vyo bibagiye canke bakagotwa, ukubibutsa nta co kubamarira ngo bikebuke.
وَإِذَا رَأَوۡاْ ءَايَةٗ يَسۡتَسۡخِرُونَ ﴿14﴾وَإِذَا رَأَوۡاْ ءَايَةٗ يَسۡتَسۡخِرُونَ
Transliteration: Waitha raaw ayatan yastaskhiroona
Translation: N’iyo babonye icemezo cerekana ko uri Intumwa vy’ukuri, baragiteburako bakitangaza;
وَقَالُوٓاْ إِنۡ هَٰذَآ إِلَّا سِحۡرٞ مُّبِينٌ ﴿15﴾وَقَالُوٓاْ إِنۡ هَٰذَآ إِلَّا سِحۡرٞ مُّبِينٌ
Transliteration: Waqaloo in hatha illa sihrun mubeenun
Translation: Bagaheza bakavuga bati: “Iyi Qor’ani watuzaniye, si ikindi kiretse ko ari uburozi bweruye;
أَءِذَا مِتۡنَا وَكُنَّا تُرَابٗا وَعِظَٰمًا أَءِنَّا لَمَبۡعُوثُونَ ﴿16﴾أَءِذَا مِتۡنَا وَكُنَّا تُرَابٗا وَعِظَٰمًا أَءِنَّا لَمَبۡعُوثُونَ
Transliteration: Aitha mitna wakunna turaban waAAithaman ainna lamabAAoothoona
Translation: Mbega igihe twapfuye tugacika ivu n’amagufa yaboze, burya mu vy’ukuri tuzosubizwa ubuzima duheze tuzuke!
أَوَءَابَآؤُنَا ٱلۡأَوَّلُونَ ﴿17﴾أَوَءَابَآؤُنَا ٱلۡأَوَّلُونَ
Transliteration: Awaabaona alawwaloona
Translation: Mbega burya hazozuka na ba data bapfuye kera!”
قُلۡ نَعَمۡ وَأَنتُمۡ دَٰخِرُونَ ﴿18﴾قُلۡ نَعَمۡ وَأَنتُمۡ دَٰخِرُونَ
Transliteration: Qul naAAam waantum dakhiroona
Translation: Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire abahakana bivuye inyuma izurwa ry’ibiremwa uti: “Ego cane! Bitebe bitebuke, muzosubizwa ubuzima maze muzuke kandi musuzuguritse”.
فَإِنَّمَا هِيَ زَجۡرَةٞ وَٰحِدَةٞ فَإِذَا هُمۡ يَنظُرُونَ ﴿19﴾فَإِنَّمَا هِيَ زَجۡرَةٞ وَٰحِدَةٞ فَإِذَا هُمۡ يَنظُرُونَ
Transliteration: Fainnama hiya zajratun wahidatun faitha hum yanthuroona
Translation: Ni ukuri, izurwa ryabo ni akaravyo, hazopfa kuvuzwa inzamba igira kabiri gusa, ubwo nyene bace basokoroka mu kuzimu birabira intureka zo ku musi w’izuka;
وَقَالُواْ يَٰوَيۡلَنَا هَٰذَا يَوۡمُ ٱلدِّينِ ﴿20﴾وَقَالُواْ يَٰوَيۡلَنَا هَٰذَا يَوۡمُ ٱلدِّينِ
Transliteration: Waqaloo ya waylana hatha yawmu alddeeni
Translation: Baheze bavuge n’agahinda n’akantu bati: “Amagorwa arama yemwe! Uwu, ni wo musi w’iharurirwa n’impera!”;
هَٰذَا يَوۡمُ ٱلۡفَصۡلِ ٱلَّذِي كُنتُم بِهِۦ تُكَذِّبُونَ ﴿21﴾هَٰذَا يَوۡمُ ٱلۡفَصۡلِ ٱلَّذِي كُنتُم بِهِۦ تُكَذِّبُونَ
Transliteration: Hatha yawmu alfasli allathee kuntum bihi tukaththiboona
Translation: Bace babwirwa n’abamalayika bati: “Uwu, ni wo musi wo gutunganiriza ibiremwa, umusi mwahora muhakana mwivuye inyuma mukiri kw’isi ko utabaho”.
ٱحۡشُرُواْ ٱلَّذِينَ ظَلَمُواْ وَأَزۡوَٰجَهُمۡ وَمَا كَانُواْ يَعۡبُدُونَ ﴿22﴾۞ٱحۡشُرُواْ ٱلَّذِينَ ظَلَمُواْ وَأَزۡوَٰجَهُمۡ وَمَا كَانُواْ يَعۡبُدُونَ
Transliteration: Ohshuroo allatheena thalamoo waazwajahum wama kanoo yaAAbudoona
Translation: Abamalayika bazobwirwa bati: “Nimwegeranirize hamwe abirenganije mu kugarariza bari kumwe n’abagenzi babo, hamwe rero n’ibigirwamana bahora basenga;
مِن دُونِ ٱللَّهِ فَٱهۡدُوهُمۡ إِلَىٰ صِرَٰطِ ٱلۡجَحِيمِ ﴿23﴾مِن دُونِ ٱللَّهِ فَٱهۡدُوهُمۡ إِلَىٰ صِرَٰطِ ٱلۡجَحِيمِ
Transliteration: Min dooni Allahi faihdoohum ila sirati aljaheemi
Translation: Bakabisenga mu gishingo c’Imana Allah, muheze mubashorere mu nzira ibashikana mu muriro ururumba;
وَقِفُوهُمۡۖ إِنَّهُم مَّسۡـُٔولُونَ ﴿24﴾وَقِفُوهُمۡۖ إِنَّهُم مَّسۡـُٔولُونَ
Transliteration: Waqifoohum innahum masooloona
Translation: Maze mubahagarike aho babanza kubazwa imbere yuko batabwa mu muriro wa Jahannamu; mu vy’ukuri, bategerezwa kubazwa ku vyo bakoze no ku vyo bavuze vyose”.
مَا لَكُمۡ لَا تَنَاصَرُونَ ﴿25﴾مَا لَكُمۡ لَا تَنَاصَرُونَ
Transliteration: Ma lakum la tanasaroona
Translation: Bazoheza rero babwirwe ku gashinyaguro n’akantu bati: “Mbega mwafashwe n’iki ko mudatabarana nk’uko mwabigenza kw’isi!”.
بَلۡ هُمُ ٱلۡيَوۡمَ مُسۡتَسۡلِمُونَ ﴿26﴾بَلۡ هُمُ ٱلۡيَوۡمَ مُسۡتَسۡلِمُونَ
Transliteration: Bal humu alyawma mustaslimoona
Translation: Ahubwo kuri uwu musi, bicishije bugufi mu kwubahiriza itegeko ry’Imana Allah, ntibashobora namba guca kubiri na ryo.
وَأَقۡبَلَ بَعۡضُهُمۡ عَلَىٰ بَعۡضٖ يَتَسَآءَلُونَ ﴿27﴾وَأَقۡبَلَ بَعۡضُهُمۡ عَلَىٰ بَعۡضٖ يَتَسَآءَلُونَ
Transliteration: Waaqbala baAAduhum AAala baAAdin yatasaaloona
Translation: Aho rero, bazoheza batangure guhazana, bahangane hagati yabo batanako imiragwe;
قَالُوٓاْ إِنَّكُمۡ كُنتُمۡ تَأۡتُونَنَا عَنِ ٱلۡيَمِينِ ﴿28﴾قَالُوٓاْ إِنَّكُمۡ كُنتُمۡ تَأۡتُونَنَا عَنِ ٱلۡيَمِينِ
Transliteration: Qaloo innakum kuntum tatoonana AAani alyameeni
Translation: Maze indongozi z’abahuvye zibwirwe n’abazikurikiye mu buhuvyi ziti: “Mu vy’ukuri, ni mwebwe mwahora mutuja mu gutwi mukatwankisha ukuri, mukaturyohereza ubuhuvyi kw’izina ry’idini”.
قَالُواْ بَل لَّمۡ تَكُونُواْ مُؤۡمِنِينَ ﴿29﴾قَالُواْ بَل لَّمۡ تَكُونُواْ مُؤۡمِنِينَ
Transliteration: Qaloo bal lam takoonoo mumineena
Translation: Indongozi z’abahuvye na zo zibwire abazikurikiye mu buhuvyi ziti: “Sigaho, murabaga mwifashe! Ahubwo nyabuna, mwebwe ntimwigeze mwemera namba;
وَمَا كَانَ لَنَا عَلَيۡكُم مِّن سُلۡطَٰنِۭۖ بَلۡ كُنتُمۡ قَوۡمٗا طَٰغِينَ ﴿30﴾وَمَا كَانَ لَنَا عَلَيۡكُم مِّن سُلۡطَٰنِۭۖ بَلۡ كُنتُمۡ قَوۡمٗا طَٰغِينَ
Transliteration: Wama kana lana AAalaykum min sultanin bal kuntum qawman tagheena
Translation: Vyongeye nta n’ububasha bw’ivyemezo canke bw’inguvu twari tubafiseko ngo tubabuze ukwemera Imana Allah, eka mbere mwari mwigize akagaramaruganda mu guhonyanga ukuri mukubona;
فَحَقَّ عَلَيۡنَا قَوۡلُ رَبِّنَآۖ إِنَّا لَذَآئِقُونَ ﴿31﴾فَحَقَّ عَلَيۡنَا قَوۡلُ رَبِّنَآۖ إِنَّا لَذَآئِقُونَ
Transliteration: Fahaqqa AAalayna qawlu rabbina inna lathaiqoona
Translation: Ni ho rero twebwe hamwe na mwe twagirwa n’ijambo ry’Imana yacu Rurema Allah, ryo gusezeranira ibihano abagarariji[2]. Mu vy’ukuri rero, twese hamwe dutegerezwa guhonja ibihano;
فَأَغۡوَيۡنَٰكُمۡ إِنَّا كُنَّا غَٰوِينَ ﴿32﴾فَأَغۡوَيۡنَٰكُمۡ إِنَّا كُنَّا غَٰوِينَ
Transliteration: Faaghwaynakum inna kunna ghaweena
Translation: Twebwe twarabahubishije inzira y’ukwemera, muraheza muradukurikira mu buhuvyi, mu vy’ukuri twari twarahuvye”.
فَإِنَّهُمۡ يَوۡمَئِذٖ فِي ٱلۡعَذَابِ مُشۡتَرِكُونَ ﴿33﴾فَإِنَّهُمۡ يَوۡمَئِذٖ فِي ٱلۡعَذَابِ مُشۡتَرِكُونَ
Transliteration: Fainnahum yawmaithin fee alAAathabi mushtarikoona
Translation: Mu vy’ukuri kuri uwo musi rero, indongozi z’abahuvye hamwe n’abazikurikiye mu buhuvyi, bazofadikanya mu bihano nk’uko bafadikanije kw’isi mu buhuvyi.
إِنَّا كَذَٰلِكَ نَفۡعَلُ بِٱلۡمُجۡرِمِينَ ﴿34﴾إِنَّا كَذَٰلِكَ نَفۡعَلُ بِٱلۡمُجۡرِمِينَ
Transliteration: Inna kathalika nafAAalu bialmujrimeena
Translation: Ni nk’ukwo nyene rero Twebwe Allah, Tugira mu guhana inkozi z’ikibi zahisemwo ubugaba kw’isi ha kutwumvira.
إِنَّهُمۡ كَانُوٓاْ إِذَا قِيلَ لَهُمۡ لَآ إِلَٰهَ إِلَّا ٱللَّهُ يَسۡتَكۡبِرُونَ ﴿35﴾إِنَّهُمۡ كَانُوٓاْ إِذَا قِيلَ لَهُمۡ لَآ إِلَٰهَ إِلَّا ٱللَّهُ يَسۡتَكۡبِرُونَ
Transliteration: Innahum kanoo itha qeela lahum la ilaha illa Allahu yastakbiroona
Translation: Mu vy’ukuri, ababangikanyamana bakiri kw’isi, iyo bararikiwe gusenga Imana Imwe Rudende Allah, bati: “Nta mana ibwirijwe gusengwa atari Imana Allah”, bahora bagira amanyama bakirengagiza;
وَيَقُولُونَ أَئِنَّا لَتَارِكُوٓاْ ءَالِهَتِنَا لِشَاعِرٖ مَّجۡنُونِۭ ﴿36﴾وَيَقُولُونَ أَئِنَّا لَتَارِكُوٓاْ ءَالِهَتِنَا لِشَاعِرٖ مَّجۡنُونِۭ
Transliteration: Wayaqooloona ainna latarikoo alihatina lishaAAirin majnoonin
Translation: Bagaca bavuga bati: “Mbega vyoshoboka gute mu vy’ukuri, ko tureka gusenga imana zacu ku kwubahiriza gusa ijambo ry’umwivuzi w’amazina, yakehewe n’ubwenge!”.
بَلۡ جَآءَ بِٱلۡحَقِّ وَصَدَّقَ ٱلۡمُرۡسَلِينَ ﴿37﴾بَلۡ جَآءَ بِٱلۡحَقِّ وَصَدَّقَ ٱلۡمُرۡسَلِينَ
Transliteration: Bal jaa bialhaqqi wasaddaqa almursaleena
Translation: Nibateshwe bate barahumba! Muhamadi ntari nk’ukwo bamuvuga namba, ahubwo yaje abazaniye ukuri kw’ukwemera gushingiye kuri Qor’ani, ashimangira ivyashikirijwe n’izindi Ntumwa mu mabwirizwa n’isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah.
إِنَّكُمۡ لَذَآئِقُواْ ٱلۡعَذَابِ ٱلۡأَلِيمِ ﴿38﴾إِنَّكُمۡ لَذَآئِقُواْ ٱلۡعَذَابِ ٱلۡأَلِيمِ
Transliteration: Innakum lathaiqoo alAAathabi alaleemi
Translation: Babangikanyamana! Mu vy’ukuri, mwebwe ku kubera ihakana ryanyu, mutegerezwa guhonja ibihano bibabaza;
وَمَا تُجۡزَوۡنَ إِلَّا مَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ ﴿39﴾وَمَا تُجۡزَوۡنَ إِلَّا مَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ
Transliteration: Wama tujzawna illa ma kuntum taAAmaloona
Translation: Kandi mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ntimuzohanwa, kiretse ku vyaha mwari mwarakoze kw’isi.
إِلَّا عِبَادَ ٱللَّهِ ٱلۡمُخۡلَصِينَ ﴿40﴾إِلَّا عِبَادَ ٱللَّهِ ٱلۡمُخۡلَصِينَ
Transliteration: Illa AAibada Allahi almukhlaseena
Translation: Kiretse abaja b’Imana Allah bayitumbera mu vyo bakora vyose bakabikora ku bwayo, maze Igaheza Ikabakingira ibihano;
أُوْلَـٰٓئِكَ لَهُمۡ رِزۡقٞ مَّعۡلُومٞ ﴿41﴾أُوْلَـٰٓئِكَ لَهُمۡ رِزۡقٞ مَّعۡلُومٞ
Transliteration: Olaika lahum rizqun maAAloomun
Translation: Abo, ni bo rero bazoronka impano zizwi neza kandi zamaho mu Bwami bw’ijuru;
فَوَٰكِهُ وَهُم مُّكۡرَمُونَ ﴿42﴾فَوَٰكِهُ وَهُم مُّكۡرَمُونَ
Transliteration: Fawakihu wahum mukramoona
Translation: Izo mpembo, ni ivyamwa vy’ubwoko butandukanye, bakazonaterwa iteka n’icubahiro;
فِي جَنَّـٰتِ ٱلنَّعِيمِ ﴿43﴾فِي جَنَّـٰتِ ٱلنَّعِيمِ
Transliteration: Fee jannati alnnaAAeemi
Translation: Mu Bwami bw’ijuru bwuzuyemwo inema zamaho;
عَلَىٰ سُرُرٖ مُّتَقَٰبِلِينَ ﴿44﴾عَلَىٰ سُرُرٖ مُّتَقَٰبِلِينَ
Transliteration: AAala sururin mutaqabileena
Translation: Aho bazoba bicaye ku bitanda batumberanye, barabana;
يُطَافُ عَلَيۡهِم بِكَأۡسٖ مِّن مَّعِينِۭ ﴿45﴾يُطَافُ عَلَيۡهِم بِكَأۡسٖ مِّن مَّعِينِۭ
Transliteration: Yutafu AAalayhim bikasin min maAAeenin
Translation: Ibirahuri vy’inzoga itambiye bicanacanako, inzoga yengwa mu mazi y’iriba ritemba ryamaho;
بَيۡضَآءَ لَذَّةٖ لِّلشَّـٰرِبِينَ ﴿46﴾بَيۡضَآءَ لَذَّةٖ لِّلشَّـٰرِبِينَ
Transliteration: Baydaa laththatin lilshsharibeena
Translation: Ifise ibara ryera n'akanovera k’akataraboneka ku banywi bazoyihereza;
لَا فِيهَا غَوۡلٞ وَلَا هُمۡ عَنۡهَا يُنزَفُونَ ﴿47﴾لَا فِيهَا غَوۡلٞ وَلَا هُمۡ عَنۡهَا يُنزَفُونَ
Transliteration: La feeha ghawlun wala hum AAanha yunzafoona
Translation: Ntigira ingaruka mbi ngo iboreze canke ngo isinzikaze ubuzima bw’uwuguma ayinywa;
وَعِندَهُمۡ قَٰصِرَٰتُ ٱلطَّرۡفِ عِينٞ ﴿48﴾وَعِندَهُمۡ قَٰصِرَٰتُ ٱلطَّرۡفِ عِينٞ
Transliteration: WaAAindahum qasiratu alttarfi AAeenun
Translation: Muri nya Bwami, bazoba bafise n’abakenyezi biyubashe bisoneye, batigera bakubita ijisho abatari abagabo babo, bafise n’amaso meza nk’ay’inyana;
كَأَنَّهُنَّ بَيۡضٞ مَّكۡنُونٞ ﴿49﴾كَأَنَّهُنَّ بَيۡضٞ مَّكۡنُونٞ
Transliteration: Kaannahunna baydun maknoonun
Translation: Basa neza, ntiworaba barasayangana; wogira ngo ni irigi ribitswe ahantu ata n’umwe ararikorako.
فَأَقۡبَلَ بَعۡضُهُمۡ عَلَىٰ بَعۡضٖ يَتَسَآءَلُونَ ﴿50﴾فَأَقۡبَلَ بَعۡضُهُمۡ عَلَىٰ بَعۡضٖ يَتَسَآءَلُونَ
Transliteration: Faaqbala baAAduhum AAala baAAdin yatasaaloona
Translation: Abari mu Bwami bw’ijuru, bazobazanya hagati yabo, batera inkuru z’ubuzima babanyemwo n’abandi kw’isi;
قَالَ قَآئِلٞ مِّنۡهُمۡ إِنِّي كَانَ لِي قَرِينٞ ﴿51﴾قَالَ قَآئِلٞ مِّنۡهُمۡ إِنِّي كَانَ لِي قَرِينٞ
Transliteration: Qala qailun minhum innee kana lee qareenun
Translation: Maze umwe muri bo aheze avuge ati: “Mu vy’ukuri, kw’isi nari mfise umugenzi twamana hafi;
يَقُولُ أَءِنَّكَ لَمِنَ ٱلۡمُصَدِّقِينَ ﴿52﴾يَقُولُ أَءِنَّكَ لَمِنَ ٱلۡمُصَدِّقِينَ
Transliteration: Yaqoolu ainnaka lamina almusaddiqeena
Translation: Yavuga yitangaza ambwira ati: “Mbega mu vy’ukuri, wewe uri mu bemera ko izurwa ry’ibiremwa ribaho!
أَءِذَا مِتۡنَا وَكُنَّا تُرَابٗا وَعِظَٰمًا أَءِنَّا لَمَدِينُونَ ﴿53﴾أَءِذَا مِتۡنَا وَكُنَّا تُرَابٗا وَعِظَٰمًا أَءِنَّا لَمَدِينُونَ
Transliteration: Aitha mitna wakunna turaban waAAithaman ainna lamadeenoona
Translation: Aho nyene uremera ko nitwapfa tugacika ivu n’amagufa mu kuzimu, tuzoheza tugasubizwa ubuzima tukazuka koko, hanyuma tugaharurirwa, tukanahemberwa ivyo twakoze!””.
قَالَ هَلۡ أَنتُم مُّطَّلِعُونَ ﴿54﴾قَالَ هَلۡ أَنتُم مُّطَّلِعُونَ
Transliteration: Qala hal antum muttaliAAoona
Translation: Hanyuma wa mwemeramana, ace avuga abwire abo bari kumwe mu Bwami bw’ijuru, ati: “Ubwo ntimwoza tukarunguruka mu muriro tukaraba iherezo ry’uwahoze ari umugenzi twamana hafi!”;
فَٱطَّلَعَ فَرَءَاهُ فِي سَوَآءِ ٱلۡجَحِيمِ ﴿55﴾فَٱطَّلَعَ فَرَءَاهُ فِي سَوَآءِ ٱلۡجَحِيمِ
Transliteration: FaittalaAAa faraahu fee sawai aljaheemi
Translation: Wa mwemeramana agize ngo ararunguruka mu muriro, aca abona wa mugenzi wiwe bamana hafi, ari hagati na hagati mu nyenga y’umuriro ururumba;
قَالَ تَٱللَّهِ إِن كِدتَّ لَتُرۡدِينِ ﴿56﴾قَالَ تَٱللَّهِ إِن كِدتَّ لَتُرۡدِينِ
Transliteration: Qala taAllahi in kidta laturdeeni
Translation: Aca avuga abwira nya mugenzi wiwe ati: “Ndarahiye kw’izina ry’Imana Allah, ko wahatswe kumpubisha ngahona iyo ndakwumvira;
وَلَوۡلَا نِعۡمَةُ رَبِّي لَكُنتُ مِنَ ٱلۡمُحۡضَرِينَ ﴿57﴾وَلَوۡلَا نِعۡمَةُ رَبِّي لَكُنتُ مِنَ ٱلۡمُحۡضَرِينَ
Transliteration: Walawla niAAmatu rabbee lakuntu mina almuhdareena
Translation: Iyo hataba impano y’Imana yanje Rurema Allah, Yanshoboje kwemera nkatsimbatara, ni ukuri nari kuba ndi mu begeranirijwe hamwe na we mu muriro”.
أَفَمَا نَحۡنُ بِمَيِّتِينَ ﴿58﴾أَفَمَا نَحۡنُ بِمَيِّتِينَ
Transliteration: Afama nahnu bimayyiteena
Translation: Ba bemeramana aho bari mu Bwami bw’ijuru, baca bavuga akamwemwe kabasya bati: “Ni ivy’ukuri, ko tuzoguma mu nema zamaho ibihe bidahera ata gupfa;
إِلَّا مَوۡتَتَنَا ٱلۡأُولَىٰ وَمَا نَحۡنُ بِمُعَذَّبِينَ ﴿59﴾إِلَّا مَوۡتَتَنَا ٱلۡأُولَىٰ وَمَا نَحۡنُ بِمُعَذَّبِينَ
Transliteration: Illa mawtatana aloola wama nahnu bimuAAaththabeena
Translation: Kiretse urupfu rwa mbere twapfuye tukiri kw’isi, nta n’uguhanwa inyuma y’aho twinjiriye mu Bwami bw’ijuru!
إِنَّ هَٰذَا لَهُوَ ٱلۡفَوۡزُ ٱلۡعَظِيمُ ﴿60﴾إِنَّ هَٰذَا لَهُوَ ٱلۡفَوۡزُ ٱلۡعَظِيمُ
Transliteration: Inna hatha lahuwa alfawzu alAAatheemu
Translation: Mu vy’ukuri, iyi ni yo ntsinzi ihambaye”.
لِمِثۡلِ هَٰذَا فَلۡيَعۡمَلِ ٱلۡعَٰمِلُونَ ﴿61﴾لِمِثۡلِ هَٰذَا فَلۡيَعۡمَلِ ٱلۡعَٰمِلُونَ
Transliteration: Limithli hatha falyaAAmali alAAamiloona
Translation: Mu ntumbero yo gushika ku ntsinzi nk’iyi y’Ubwami bw’ijuru, abakora ivyo bakora kw’isi rero, nibakore batiziganya, ata kudebukirwa.
أَذَٰلِكَ خَيۡرٞ نُّزُلًا أَمۡ شَجَرَةُ ٱلزَّقُّومِ ﴿62﴾أَذَٰلِكَ خَيۡرٞ نُّزُلًا أَمۡ شَجَرَةُ ٱلزَّقُّومِ
Transliteration: Athalika khayrun nuzulan am shajaratu alzzaqqoomi
Translation: Mbega none burya iyo ntsinzi y’Ubwami bw’ijuru, ni ryo cumbi ryiza cane kuruta ibindi, canke ni igiti Al-Zaqquumu cavumwe, gifungurirwa abantu bo mu muriro!
إِنَّا جَعَلۡنَٰهَا فِتۡنَةٗ لِّلظَّـٰلِمِينَ ﴿63﴾إِنَّا جَعَلۡنَٰهَا فِتۡنَةٗ لِّلظَّـٰلِمِينَ
Transliteration: Inna jaAAalnaha fitnatan lilththalimeena
Translation: Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twagize ico giti kuba igeragezwa ku birenganije mu kugarariza, bahakana bivuye inyuma bati: “Bishoboka gute ko igiti kiba mu muriro kandi umuriro uturira igiti!”.
إِنَّهَا شَجَرَةٞ تَخۡرُجُ فِيٓ أَصۡلِ ٱلۡجَحِيمِ ﴿64﴾إِنَّهَا شَجَرَةٞ تَخۡرُجُ فِيٓ أَصۡلِ ٱلۡجَحِيمِ
Transliteration: Innaha shajaratun takhruju fee asli aljaheemi
Translation: Al-Zaqquumu mu vy’ukuri, ni igiti kinagira hagati na hagati mu nyenga y’umuriro wa Jahannamu;
طَلۡعُهَا كَأَنَّهُۥ رُءُوسُ ٱلشَّيَٰطِينِ ﴿65﴾طَلۡعُهَا كَأَنَّهُۥ رُءُوسُ ٱلشَّيَٰطِينِ
Transliteration: TalAAuha kaannahu ruoosu alshshayateeni
Translation: Ivyamwa vya nya giti bisa nabi cane; wogira ngo ni imitwe y’amashetani, ntubaze rero akanuko kavyo n’ukuntu bibishe (bikata) mu kanwa!
فَإِنَّهُمۡ لَأٓكِلُونَ مِنۡهَا فَمَالِـُٔونَ مِنۡهَا ٱلۡبُطُونَ ﴿66﴾فَإِنَّهُمۡ لَأٓكِلُونَ مِنۡهَا فَمَالِـُٔونَ مِنۡهَا ٱلۡبُطُونَ
Transliteration: Fainnahum laakiloona minha famalioona minha albutoona
Translation: Mu vy’ukuri ababangikanyamana, bazorya ivyamwa vyaco, bibuzuze inda batumbirwe;
ثُمَّ إِنَّ لَهُمۡ عَلَيۡهَا لَشَوۡبٗا مِّنۡ حَمِيمٖ ﴿67﴾ثُمَّ إِنَّ لَهُمۡ عَلَيۡهَا لَشَوۡبٗا مِّنۡ حَمِيمٖ
Transliteration: Thumma inna lahum AAalayha lashawban min hameemin
Translation: Hanyuma bashozeko ikinyobwa kigizwe n’uruvange rw’amashira n’urwuya vy’abantu bo mu muriro vyasebuye bikaryimara;
ثُمَّ إِنَّ مَرۡجِعَهُمۡ لَإِلَى ٱلۡجَحِيمِ ﴿68﴾ثُمَّ إِنَّ مَرۡجِعَهُمۡ لَإِلَى ٱلۡجَحِيمِ
Transliteration: Thumma inna marjiAAahum laila aljaheemi
Translation: Hanyuma iyegeranirizo ryabo inyuma y’ivyo vyose, ni mu bihano vyo mu muriro.
إِنَّهُمۡ أَلۡفَوۡاْ ءَابَآءَهُمۡ ضَآلِّينَ ﴿69﴾إِنَّهُمۡ أَلۡفَوۡاْ ءَابَآءَهُمۡ ضَآلِّينَ
Transliteration: Innahum alfaw abaahum dalleena
Translation: Mu vy’ukuri ababangikanyamana, basanze ba se babo ari impuvyi mw’ibangikanyamana;
فَهُمۡ عَلَىٰٓ ءَاثَٰرِهِمۡ يُهۡرَعُونَ ﴿70﴾فَهُمۡ عَلَىٰٓ ءَاثَٰرِهِمۡ يُهۡرَعُونَ
Transliteration: Fahum AAala atharihim yuhraAAoona
Translation: Baraheza bacanacanako mu kubakurikira mu buhuvyi.
وَلَقَدۡ ضَلَّ قَبۡلَهُمۡ أَكۡثَرُ ٱلۡأَوَّلِينَ ﴿71﴾وَلَقَدۡ ضَلَّ قَبۡلَهُمۡ أَكۡثَرُ ٱلۡأَوَّلِينَ
Transliteration: Walaqad dalla qablahum aktharu alawwaleena
Translation: Ntumwa y’Imana! Ni ukuri mu bantu bo hambere y’abo warungitsweko, harimwo benshi bahuvye;
وَلَقَدۡ أَرۡسَلۡنَا فِيهِم مُّنذِرِينَ ﴿72﴾وَلَقَدۡ أَرۡسَلۡنَا فِيهِم مُّنذِرِينَ
Transliteration: Walaqad arsalna feehim munthireena
Translation: Ni ukuri, Twarabarungikiye Intumwa zibagabisha ku bihano vyacu, maze ntibumva, baragarariza.
فَٱنظُرۡ كَيۡفَ كَانَ عَٰقِبَةُ ٱلۡمُنذَرِينَ ﴿73﴾فَٱنظُرۡ كَيۡفَ كَانَ عَٰقِبَةُ ٱلۡمُنذَرِينَ
Transliteration: Faonthur kayfa kana AAaqibatu almunthareena
Translation: Ntumwa y’Imana! Raba rero iherezo ry’abantu bagabishijwe maze ntibumva, ukuntu ryagenze, barahanwe bimwe vy’akarorero;
إِلَّا عِبَادَ ٱللَّهِ ٱلۡمُخۡلَصِينَ ﴿74﴾إِلَّا عِبَادَ ٱللَّهِ ٱلۡمُخۡلَصِينَ
Transliteration: Illa AAibada Allahi almukhlaseena
Translation: Kiretse abaja b’Imana Allah bayitumbera mu vyo bakora vyose, maze bakabikora ku bwayo, Igaheza Ikabakingira ibihano.
وَلَقَدۡ نَادَىٰنَا نُوحٞ فَلَنِعۡمَ ٱلۡمُجِيبُونَ ﴿75﴾وَلَقَدۡ نَادَىٰنَا نُوحٞ فَلَنِعۡمَ ٱلۡمُجِيبُونَ
Transliteration: Walaqad nadana noohun falaniAAma almujeeboona
Translation: Ni ukuri, Nuhu amaze kwihebura ko abantu yarungitsweko batarota bamwemera, yaraduhamagaye Twebwe Allah kugira Tumutabare, maze asanga ni Twebwe Umwiza w’abatabazi yitabira uwumutabaje;
وَنَجَّيۡنَٰهُ وَأَهۡلَهُۥ مِنَ ٱلۡكَرۡبِ ٱلۡعَظِيمِ ﴿76﴾وَنَجَّيۡنَٰهُ وَأَهۡلَهُۥ مِنَ ٱلۡكَرۡبِ ٱلۡعَظِيمِ
Transliteration: Wanajjaynahu waahlahu mina alkarbi alAAatheemi
Translation: Turaheza rero Turamurokora we n’umuryango wiwe hamwe n’abemeramana bari kumwe, Tubakura mu kaga ko gusomeshwa nturi y’akataraboneka;
وَجَعَلۡنَا ذُرِّيَّتَهُۥ هُمُ ٱلۡبَاقِينَ ﴿77﴾وَجَعَلۡنَا ذُرِّيَّتَهُۥ هُمُ ٱلۡبَاقِينَ
Transliteration: WajaAAalna thurriyyatahu humu albaqeena
Translation: Maze Tugira uruvyaro rwa Nuhu kuba ari rwo rusigara rukarondoka inyuma yuko abantu yarungitsweko bahitanwa n’isegenya;
وَتَرَكۡنَا عَلَيۡهِ فِي ٱلۡأٓخِرِينَ ﴿78﴾وَتَرَكۡنَا عَلَيۡهِ فِي ٱلۡأٓخِرِينَ
Transliteration: Watarakna AAalayhi fee alakhireena
Translation: Tumuha no kuyagwa neza mu bantu bakurikiye gushika ku musi w’iherezo.
سَلَٰمٌ عَلَىٰ نُوحٖ فِي ٱلۡعَٰلَمِينَ ﴿79﴾سَلَٰمٌ عَلَىٰ نُوحٖ فِي ٱلۡعَٰلَمِينَ
Transliteration: Salamun AAala noohin fee alAAalameena
Translation: Harakayagwa neza rero Nuhu mw’iteka n’itekane mu biremwa vyose.
إِنَّا كَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلۡمُحۡسِنِينَ ﴿80﴾إِنَّا كَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلۡمُحۡسِنِينَ
Transliteration: Inna kathalika najzee almuhsineena
Translation: Ni nk’uko nyene rero mu vy’ukuri Twebwe Allah - Twahemvye Nuhu mu kuyagwa neza n’ibiremwa - Duhemba abagwaneza mu kwumvira Imana Allah.
إِنَّهُۥ مِنۡ عِبَادِنَا ٱلۡمُؤۡمِنِينَ ﴿81﴾إِنَّهُۥ مِنۡ عِبَادِنَا ٱلۡمُؤۡمِنِينَ
Transliteration: Innahu min AAibadina almumineena
Translation: Mu vy’ukuri, Nuhu ari mu baja bacu b’abemeramana bubahiriza koko amabwirizwa yacu.
ثُمَّ أَغۡرَقۡنَا ٱلۡأٓخَرِينَ ﴿82﴾ثُمَّ أَغۡرَقۡنَا ٱلۡأٓخَرِينَ
Transliteration: Thumma aghraqna alakhareena
Translation: Mu nyuma rero, ni ho Twebwe Allah, Twahonya abantu ba Nuhu bahakanye bivuye inyuma, maze bahitanwa n’isegenya.
وَإِنَّ مِن شِيعَتِهِۦ لَإِبۡرَٰهِيمَ ﴿83﴾۞وَإِنَّ مِن شِيعَتِهِۦ لَإِبۡرَٰهِيمَ
Transliteration: Wainna min sheeAAatihi laibraheema
Translation: Mu vy’ukuri, mu bagendeye ukwemera-ndemanwa kwa Nuhu gushingiye ku kwemera no gusenga Imana Imwe Rudende Allah, ni Umuvugishwamana Ibrahimu;
إِذۡ جَآءَ رَبَّهُۥ بِقَلۡبٖ سَلِيمٍ ﴿84﴾إِذۡ جَآءَ رَبَّهُۥ بِقَلۡبٖ سَلِيمٍ
Transliteration: Ith jaa rabbahu biqalbin saleemin
Translation: Igihe yatumbera Imana yiwe Rurema Allah n’umutima wejejwe mu kutemera ibintazi n’ingeso mbi;
إِذۡ قَالَ لِأَبِيهِ وَقَوۡمِهِۦ مَاذَا تَعۡبُدُونَ ﴿85﴾إِذۡ قَالَ لِأَبِيهِ وَقَوۡمِهِۦ مَاذَا تَعۡبُدُونَ
Transliteration: Ith qala liabeehi waqawmihi matha taAAbudoona
Translation: Igihe abwira se wiwe n’abantu yarungitsweko ati: “Ni ibiki musenga mu gishingo c’Imana Allah!
أَئِفۡكًا ءَالِهَةٗ دُونَ ٱللَّهِ تُرِيدُونَ ﴿86﴾أَئِفۡكًا ءَالِهَةٗ دُونَ ٱللَّهِ تُرِيدُونَ
Transliteration: Aifkan alihatan doona Allahi tureedoona
Translation: Karashize ingani, mukanagare mwihe gusenga imana z’irementanya ha gusenga Imana Imwe Rudende Allah!
فَمَا ظَنُّكُم بِرَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ ﴿87﴾فَمَا ظَنُّكُم بِرَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Transliteration: Fama thannukum birabbi alAAalameena
Translation: Mbega none mwibaza iki ku co Imana Rurema w’ibiremwa vyose Yobahanisha mu gihe mwoyibangikanya!”.
فَنَظَرَ نَظۡرَةٗ فِي ٱلنُّجُومِ ﴿88﴾فَنَظَرَ نَظۡرَةٗ فِي ٱلنُّجُومِ
Transliteration: Fanathara nathratan fee alnnujoomi
Translation: Ni ho rero Ibrahimu yitegereza inyenyeri yiyumvira ico yobigobotoza mu kutajana na bo ku musi mukuru wabo;
فَقَالَ إِنِّي سَقِيمٞ ﴿89﴾فَقَالَ إِنِّي سَقِيمٞ
Transliteration: Faqala innee saqeemun
Translation: Aca ababwira ati: “Mu vy’ukuri jewe ndarwaye”.
فَتَوَلَّوۡاْ عَنۡهُ مُدۡبِرِينَ ﴿90﴾فَتَوَلَّوۡاْ عَنۡهُ مُدۡبِرِينَ
Transliteration: Fatawallaw AAanhu mudbireena
Translation: Baraheza rero baramureka arasigara, na bo barabandanya ku musi mukuru wabo.
فَرَاغَ إِلَىٰٓ ءَالِهَتِهِمۡ فَقَالَ أَلَا تَأۡكُلُونَ ﴿91﴾فَرَاغَ إِلَىٰٓ ءَالِهَتِهِمۡ فَقَالَ أَلَا تَأۡكُلُونَ
Transliteration: Faragha ila alihatihim faqala ala takuloona
Translation: Ni ho rero yagenda anyaragasa ahari ibigirwamana vyabo, aca abibwira atebura abinebagura ati: “Aho ga ntu, ntimwofungura kuri izi mfungurwa muterekerwa n’ababasenga!
مَا لَكُمۡ لَا تَنطِقُونَ ﴿92﴾مَا لَكُمۡ لَا تَنطِقُونَ
Transliteration: Ma lakum la tantiqoona
Translation: Mbega mwafashwe n’iki ko mutavuga, ngo mwishure n’uwubabajije!”.
فَرَاغَ عَلَيۡهِمۡ ضَرۡبَۢا بِٱلۡيَمِينِ ﴿93﴾فَرَاغَ عَلَيۡهِمۡ ضَرۡبَۢا بِٱلۡيَمِينِ
Transliteration: Faragha AAalayhim darban bialyameeni
Translation: Ni ho rero yarengera kuri nya bigirwamana, arabikubita n’ukuryo arabimenagura.
فَأَقۡبَلُوٓاْ إِلَيۡهِ يَزِفُّونَ ﴿94﴾فَأَقۡبَلُوٓاْ إِلَيۡهِ يَزِفُّونَ
Transliteration: Faaqbaloo ilayhi yaziffoona
Translation: Ba bantu ni ho baja kumurondera baza batazambaye n’ishavu n’akantu;
قَالَ أَتَعۡبُدُونَ مَا تَنۡحِتُونَ ﴿95﴾قَالَ أَتَعۡبُدُونَ مَا تَنۡحِتُونَ
Transliteration: Qala ataAAbudoona ma tanhitoona
Translation: Ibrahimu araheza ahura na bo ababwira ata co yinona ati: “Bishoboka gute ko musenga ivyo mwibaziye mwebwe nyene;
وَٱللَّهُ خَلَقَكُمۡ وَمَا تَعۡمَلُونَ ﴿96﴾وَٱللَّهُ خَلَقَكُمۡ وَمَا تَعۡمَلُونَ
Transliteration: WaAllahu khalaqakum wama taAAmaloona
Translation: Mugaheza mukareka kwiyegereza Imana Allah mu vyo mukora ntimunayisenge, kandi ari Yo Yabaremye, Ikarema n’ivyo mukora!”.
قَالُواْ ٱبۡنُواْ لَهُۥ بُنۡيَٰنٗا فَأَلۡقُوهُ فِي ٱلۡجَحِيمِ ﴿97﴾قَالُواْ ٱبۡنُواْ لَهُۥ بُنۡيَٰنٗا فَأَلۡقُوهُ فِي ٱلۡجَحِيمِ
Transliteration: Qaloo ibnoo lahu bunyanan faalqoohu fee aljaheemi
Translation: Ba bantu bamaze kwumva ko ata kuri bafise ngo biregure, baciye babicisha mu ngimba babwirana hagati yabo bati: “Nimumwubakireko, maze mugire inkonge y'umuriro, muheze mumuteyo”.
فَأَرَادُواْ بِهِۦ كَيۡدٗا فَجَعَلۡنَٰهُمُ ٱلۡأَسۡفَلِينَ ﴿98﴾فَأَرَادُواْ بِهِۦ كَيۡدٗا فَجَعَلۡنَٰهُمُ ٱلۡأَسۡفَلِينَ
Transliteration: Faaradoo bihi kaydan fajaAAalnahumu alasfaleena
Translation: Bagomvye rero kumugirira nabi ngo bamwice, Turaheza Twebwe Allah, Turabatsinda mu gutegeka nya muriro ko utohirahira ngo umukoreko.
وَقَالَ إِنِّي ذَاهِبٌ إِلَىٰ رَبِّي سَيَهۡدِينِ ﴿99﴾وَقَالَ إِنِّي ذَاهِبٌ إِلَىٰ رَبِّي سَيَهۡدِينِ
Transliteration: Waqala innee thahibun ila rabbee sayahdeeni
Translation: Ibrahimu yababwiye ati: “Jewe mu vy’ukuri, ndimukiye aho nshobora kwiyegereza Imana yanje Rurema mu vyo nkora vyose ndanayisenga mu mwidegemvyo, Izoheza Inshikane ku vyiza mw’idini no mu buzima bwanje bwo kw’isi”;
رَبِّ هَبۡ لِي مِنَ ٱلصَّـٰلِحِينَ ﴿100﴾رَبِّ هَبۡ لِي مِنَ ٱلصَّـٰلِحِينَ
Transliteration: Rabbi hab lee mina alssaliheena
Translation: Araheza yitura Imana Allah ayisaba avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ndagusavye Umpe umwana mu beranda”;
فَبَشَّرۡنَٰهُ بِغُلَٰمٍ حَلِيمٖ ﴿101﴾فَبَشَّرۡنَٰهُ بِغُلَٰمٍ حَلِيمٖ
Transliteration: Fabashsharnahu bighulamin haleemin
Translation: Twaramwumviye igisabisho ciwe, Turaheza Tumuha agakuru keza ko azoronswa umwana w’umuhungu azorangwa n’ubwitonzi nta ngere[3].
فَلَمَّا بَلَغَ مَعَهُ ٱلسَّعۡيَ قَالَ يَٰبُنَيَّ إِنِّيٓ أَرَىٰ فِي ٱلۡمَنَامِ أَنِّيٓ أَذۡبَحُكَ فَٱنظُرۡ مَاذَا تَرَىٰۚ قَالَ يَـٰٓأَبَتِ ٱفۡعَلۡ مَا تُؤۡمَرُۖ سَتَجِدُنِيٓ إِن شَآءَ ٱللَّهُ مِنَ ٱلصَّـٰبِرِينَ ﴿102﴾فَلَمَّا بَلَغَ مَعَهُ ٱلسَّعۡيَ قَالَ يَٰبُنَيَّ إِنِّيٓ أَرَىٰ فِي ٱلۡمَنَامِ أَنِّيٓ أَذۡبَحُكَ فَٱنظُرۡ مَاذَا تَرَىٰۚ قَالَ يَـٰٓأَبَتِ ٱفۡعَلۡ مَا تُؤۡمَرُۖ سَتَجِدُنِيٓ إِن شَآءَ ٱللَّهُ مِنَ ٱلصَّـٰبِرِينَ
Transliteration: Falamma balagha maAAahu alssaAAya qala ya bunayya innee ara fee almanami annee athbahuka faonthur matha tara qala ya abati ifAAal ma tumaru satajidunee in shaa Allahu mina alssabireena
Translation: Ismayili rero amaze gukura akagera mu bigero vyo kujana na Ibrahimu mu dukorwa twa misi yose, Ibrahimu yamubwiye ati: “Mwananje! Ni ukuri, jewe narose mbona vy’ukuri ndiko ndagukerera, none ubivuzeko iki?”. Ismayili yishuye se ata gushidikanya ati: “Da! Shira mu ngiro ivyo wategetswe n’Imana Allah, maze unkerere[4], nanje uza gusanga ku bushake bw’Imana Allah ndi mu bihangana mu kwumvira Imana Allah”.
فَلَمَّآ أَسۡلَمَا وَتَلَّهُۥ لِلۡجَبِينِ ﴿103﴾فَلَمَّآ أَسۡلَمَا وَتَلَّهُۥ لِلۡجَبِينِ
Transliteration: Falamma aslama watallahu liljabeeni
Translation: Bompi rero bamaze kwitegurira kwubahiriza iryo tegeko, maze Ibrahimu akarambika Ismayili hasi yubitse inda kugira amukerere;
وَنَٰدَيۡنَٰهُ أَن يَـٰٓإِبۡرَٰهِيمُ ﴿104﴾وَنَٰدَيۡنَٰهُ أَن يَـٰٓإِبۡرَٰهِيمُ
Transliteration: Wanadaynahu an ya ibraheemu
Translation: Ni ho Twahamagara Ibrahimu muri ivyo bihe bigoye Duti: “Ewe Ibrahimu!
قَدۡ صَدَّقۡتَ ٱلرُّءۡيَآۚ إِنَّا كَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلۡمُحۡسِنِينَ ﴿105﴾قَدۡ صَدَّقۡتَ ٱلرُّءۡيَآۚ إِنَّا كَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلۡمُحۡسِنِينَ
Transliteration: Qad saddaqta alrruya inna kathalika najzee almuhsineena
Translation: Ni ukuri, wamaze gushira mu ngiro ico wategetswe mu ndoto. Ni nk’uko nyene rero mu vy’ukuri Twebwe Allah - Twahemvye Ibrahimu kw’ishirwa mu ngiro ry’indoto yiwe - Duhemba abagwaneza mu kubakura mu vyago mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa;
إِنَّ هَٰذَا لَهُوَ ٱلۡبَلَـٰٓؤُاْ ٱلۡمُبِينُ ﴿106﴾إِنَّ هَٰذَا لَهُوَ ٱلۡبَلَـٰٓؤُاْ ٱلۡمُبِينُ
Transliteration: Inna hatha lahuwa albalao almubeenu
Translation: Mu vy’ukuri ikererwa ry’umwana wawe Ismayili, ni ryo geragezwa rihambaye ryerekana ukuri kw’ukwemera kwawe”.
وَفَدَيۡنَٰهُ بِذِبۡحٍ عَظِيمٖ ﴿107﴾وَفَدَيۡنَٰهُ بِذِبۡحٍ عَظِيمٖ
Transliteration: Wafadaynahu bithibhin AAatheemin
Translation: Ni ukwo rero Twarokoye Ismayili, haraheza hakererwa imbagwa y’intama mu kibanza ciwe.
وَتَرَكۡنَا عَلَيۡهِ فِي ٱلۡأٓخِرِينَ ﴿108﴾وَتَرَكۡنَا عَلَيۡهِ فِي ٱلۡأٓخِرِينَ
Transliteration: Watarakna AAalayhi fee alakhireena
Translation: Gutyo Duha Ibrahimu kuyagwa neza mu bantu bakurikiye gushika ku musi w’iherezo.
سَلَٰمٌ عَلَىٰٓ إِبۡرَٰهِيمَ ﴿109﴾سَلَٰمٌ عَلَىٰٓ إِبۡرَٰهِيمَ
Transliteration: Salamun AAala ibraheema
Translation: Ibrahimu arakagira amahoro, iteka n’itekane bivuye ku Mana Allah.
كَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلۡمُحۡسِنِينَ ﴿110﴾كَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلۡمُحۡسِنِينَ
Transliteration: Kathalika najzee almuhsineena
Translation: Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twahemvye Ibrahimu ku kwubahiriza ibwirizwa ryacu - Duhemba abagwaneza.
إِنَّهُۥ مِنۡ عِبَادِنَا ٱلۡمُؤۡمِنِينَ ﴿111﴾إِنَّهُۥ مِنۡ عِبَادِنَا ٱلۡمُؤۡمِنِينَ
Transliteration: Innahu min AAibadina almumineena
Translation: Mu vy’ukuri, Ibrahimu ari mu baja bacu b’abemeramana koko.
وَبَشَّرۡنَٰهُ بِإِسۡحَٰقَ نَبِيّٗا مِّنَ ٱلصَّـٰلِحِينَ ﴿112﴾وَبَشَّرۡنَٰهُ بِإِسۡحَٰقَ نَبِيّٗا مِّنَ ٱلصَّـٰلِحِينَ
Transliteration: Wabashsharnahu biishaqa nabiyyan mina alssaliheena
Translation: Ibrahimu mu kumuhembera ukwihangana kw’ishirwa mu ngiro ry’ibwirizwa ryacu, Twaranamuhaye agakuru keza ko kuzoronswa umwana yitwa Is-haka, akazoba n’Umuvugishwamana mu Bavugishwamana beranda;
وَبَٰرَكۡنَا عَلَيۡهِ وَعَلَىٰٓ إِسۡحَٰقَۚ وَمِن ذُرِّيَّتِهِمَا مُحۡسِنٞ وَظَالِمٞ لِّنَفۡسِهِۦ مُبِينٞ ﴿113﴾وَبَٰرَكۡنَا عَلَيۡهِ وَعَلَىٰٓ إِسۡحَٰقَۚ وَمِن ذُرِّيَّتِهِمَا مُحۡسِنٞ وَظَالِمٞ لِّنَفۡسِهِۦ مُبِينٞ
Transliteration: Wabarakna AAalayhi waAAala ishaqa wamin thurriyyatihima muhsinun wathalimun linafsihi mubeenun
Translation: Maze Turamuhezagira we hamwe n’umwana wiwe Is-haka. Mu ruvyaro rwabo bompi rero, hahavuye habonekamwo umwumviramana w’umugwaneza koko, hamwe rero n’uwirenganya bimwe biboneka mu kugarariza.
وَلَقَدۡ مَنَنَّا عَلَىٰ مُوسَىٰ وَهَٰرُونَ ﴿114﴾وَلَقَدۡ مَنَنَّا عَلَىٰ مُوسَىٰ وَهَٰرُونَ
Transliteration: Walaqad mananna AAala moosa waharoona
Translation: Ni ukuri Musa na murumunawe Haruna, Twarabateye iteka ryo kuba Intumwa;
وَنَجَّيۡنَٰهُمَا وَقَوۡمَهُمَا مِنَ ٱلۡكَرۡبِ ٱلۡعَظِيمِ ﴿115﴾وَنَجَّيۡنَٰهُمَا وَقَوۡمَهُمَا مِنَ ٱلۡكَرۡبِ ٱلۡعَظِيمِ
Transliteration: Wanajjaynahuma waqawmahuma mina alkarbi alAAatheemi
Translation: Turaheza Turabarokora bompi hamwe n’abantu babo mu vyago bihambaye vyo gusoma nturi;
وَنَصَرۡنَٰهُمۡ فَكَانُواْ هُمُ ٱلۡغَٰلِبِينَ ﴿116﴾وَنَصَرۡنَٰهُمۡ فَكَانُواْ هُمُ ٱلۡغَٰلِبِينَ
Transliteration: Wanasarnahum fakanoo humu alghalibeena
Translation: Maze Turabatabara, baranesha Firawuni hamwe n’abunganizi biwe;
وَءَاتَيۡنَٰهُمَا ٱلۡكِتَٰبَ ٱلۡمُسۡتَبِينَ ﴿117﴾وَءَاتَيۡنَٰهُمَا ٱلۡكِتَٰبَ ٱلۡمُسۡتَبِينَ
Transliteration: Waataynahuma alkitaba almustabeena
Translation: Twaranabahaye Igitabu ca Tawurati gitomoye;
وَهَدَيۡنَٰهُمَا ٱلصِّرَٰطَ ٱلۡمُسۡتَقِيمَ ﴿118﴾وَهَدَيۡنَٰهُمَا ٱلصِّرَٰطَ ٱلۡمُسۡتَقِيمَ
Transliteration: Wahadaynahuma alssirata almustaqeema
Translation: Tubarongora no mu nzira igororotse y’ubwislamu;
وَتَرَكۡنَا عَلَيۡهِمَا فِي ٱلۡأٓخِرِينَ ﴿119﴾وَتَرَكۡنَا عَلَيۡهِمَا فِي ٱلۡأٓخِرِينَ
Transliteration: Watarakna AAalayhima fee alakhireena
Translation: Gutyo, Tubaha kuyagwa neza mu bantu bakurikiye gushika ku musi w’iherezo.
سَلَٰمٌ عَلَىٰ مُوسَىٰ وَهَٰرُونَ ﴿120﴾سَلَٰمٌ عَلَىٰ مُوسَىٰ وَهَٰرُونَ
Transliteration: Salamun AAala moosa waharoona
Translation: Musa na murumunawe Haruna barakagira amahoro, iteka n’itekane bivuye ku Mana Allah.
إِنَّا كَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلۡمُحۡسِنِينَ ﴿121﴾إِنَّا كَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلۡمُحۡسِنِينَ
Transliteration: Inna kathalika najzee almuhsineena
Translation: Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twahemvye Musa na Haruna - Duhemba abagwaneza b’imvugakuri.
إِنَّهُمَا مِنۡ عِبَادِنَا ٱلۡمُؤۡمِنِينَ ﴿122﴾إِنَّهُمَا مِنۡ عِبَادِنَا ٱلۡمُؤۡمِنِينَ
Transliteration: Innahuma min AAibadina almumineena
Translation: Mu vy’ukuri Musa na murumunawe Haruna, bari mu baja bacu b’abemeramana koko.
وَإِنَّ إِلۡيَاسَ لَمِنَ ٱلۡمُرۡسَلِينَ ﴿123﴾وَإِنَّ إِلۡيَاسَ لَمِنَ ٱلۡمُرۡسَلِينَ
Transliteration: Wainna ilyasa lamina almursaleena
Translation: Mu vy’ukuri Ilyaasi, ni ukuri ari mu bo Twateye iteka ryo kuba Intumwa;
إِذۡ قَالَ لِقَوۡمِهِۦٓ أَلَا تَتَّقُونَ ﴿124﴾إِذۡ قَالَ لِقَوۡمِهِۦٓ أَلَا تَتَّقُونَ
Transliteration: Ith qala liqawmihi ala tattaqoona
Translation: Igihe yabwira abantu biwe yarungitsweko muri Bene Israyeli ati: “Nimutinye ibihano vy’Imana Allah, ntimuhirahire ngo muyibangikanye;
أَتَدۡعُونَ بَعۡلٗا وَتَذَرُونَ أَحۡسَنَ ٱلۡخَٰلِقِينَ ﴿125﴾أَتَدۡعُونَ بَعۡلٗا وَتَذَرُونَ أَحۡسَنَ ٱلۡخَٰلِقِينَ
Transliteration: AtadAAoona baAAlan watatharoona ahsana alkhaliqeena
Translation: Bishoboka gute ko musenga ikigirwamana ata na kimwe gishoboye, mukirengagiza gusenga Umwiza w’abaremyi;
ٱللَّهَ رَبَّكُمۡ وَرَبَّ ءَابَآئِكُمُ ٱلۡأَوَّلِينَ ﴿126﴾ٱللَّهَ رَبَّكُمۡ وَرَبَّ ءَابَآئِكُمُ ٱلۡأَوَّلِينَ
Transliteration: Allaha rabbakum warabba abaikumu alawwaleena
Translation: Imana yanyu Rurema Allah Yabaremye, Ikaba ari na Yo Mana Yaremye ba so aho hambere yanyu!”.
فَكَذَّبُوهُ فَإِنَّهُمۡ لَمُحۡضَرُونَ ﴿127﴾فَكَذَّبُوهُ فَإِنَّهُمۡ لَمُحۡضَرُونَ
Transliteration: Fakaththaboohu fainnahum lamuhdaroona
Translation: Abantu Ilyaasi yarungitsweko rero, baramuhakanye bivuye inyuma. Mu vy’ukuri ku musi w’izuka, bazokwegeranirizwa ku Mana Allah kugira Ibahanire ivyo bakoze;
إِلَّا عِبَادَ ٱللَّهِ ٱلۡمُخۡلَصِينَ ﴿128﴾إِلَّا عِبَادَ ٱللَّهِ ٱلۡمُخۡلَصِينَ
Transliteration: Illa AAibada Allahi almukhlaseena
Translation: Kiretse abaja b’Imana Allah bejeje idini ryayo, abo ntibazohanwa.
وَتَرَكۡنَا عَلَيۡهِ فِي ٱلۡأٓخِرِينَ ﴿129﴾وَتَرَكۡنَا عَلَيۡهِ فِي ٱلۡأٓخِرِينَ
Transliteration: Watarakna AAalayhi fee alakhireena
Translation: Ilyaasi Twamuhaye kuyagwa neza mu bantu bakurikiye gushika ku musi w’iherezo.
سَلَٰمٌ عَلَىٰٓ إِلۡ يَاسِينَ ﴿130﴾سَلَٰمٌ عَلَىٰٓ إِلۡ يَاسِينَ
Transliteration: Salamun AAala il yaseena
Translation: Ilyaasi arakagira amahoro, iteka n’itekane bivuye ku Mana Allah.
إِنَّا كَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلۡمُحۡسِنِينَ ﴿131﴾إِنَّا كَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلۡمُحۡسِنِينَ
Transliteration: Inna kathalika najzee almuhsineena
Translation: Mu vy’ukuri, ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twahemvye Ilyaasi kw’igamburukiramana ryiwe - Duhemba abagwaneza mu bemeramana.
إِنَّهُۥ مِنۡ عِبَادِنَا ٱلۡمُؤۡمِنِينَ ﴿132﴾إِنَّهُۥ مِنۡ عِبَادِنَا ٱلۡمُؤۡمِنِينَ
Transliteration: Innahu min AAibadina almumineena
Translation: Mu vy’ukuri Ilyaasi, ari mu baja bacu bubahiriza koko amabwirizwa yacu.
وَإِنَّ لُوطٗا لَّمِنَ ٱلۡمُرۡسَلِينَ ﴿133﴾وَإِنَّ لُوطٗا لَّمِنَ ٱلۡمُرۡسَلِينَ
Transliteration: Wainna lootan lamina almursaleena
Translation: Mu vy’ukuri Luutwi, ni ukuri ari mu bo Twateye iteka ryo kuba Intumwa;
إِذۡ نَجَّيۡنَٰهُ وَأَهۡلَهُۥٓ أَجۡمَعِينَ ﴿134﴾إِذۡ نَجَّيۡنَٰهُ وَأَهۡلَهُۥٓ أَجۡمَعِينَ
Transliteration: Ith najjaynahu waahlahu ajmaAAeena
Translation: Igihe Twamurokora we hamwe n’umuryango wiwe mu bihano;
إِلَّا عَجُوزٗا فِي ٱلۡغَٰبِرِينَ ﴿135﴾إِلَّا عَجُوزٗا فِي ٱلۡغَٰبِرِينَ
Transliteration: Illa AAajoozan fee alghabireena
Translation: Kiretse umukecuru ari aho, yahonejwe mu bandi ku bubegito bwiwe.
ثُمَّ دَمَّرۡنَا ٱلۡأٓخَرِينَ ﴿136﴾ثُمَّ دَمَّرۡنَا ٱلۡأٓخَرِينَ
Transliteration: Thumma dammarna alakhareena
Translation: Mu nyuma rero, ni ho Twahonya vy’akarorero abahakanyi mu bantu ba Luutwi.
وَإِنَّكُمۡ لَتَمُرُّونَ عَلَيۡهِم مُّصۡبِحِينَ ﴿137﴾وَإِنَّكُمۡ لَتَمُرُّونَ عَلَيۡهِم مُّصۡبِحِينَ
Transliteration: Wainnakum latamurroona AAalayhim musbiheena
Translation: Bantu b’i Makka! Mu vy’ukuri mu ruja n’uruza rwanyu, ni ukuri mwama muzinduka muca ahahoze imihana y’abantu ba Luutwi;
وَبِٱلَّيۡلِۚ أَفَلَا تَعۡقِلُونَ ﴿138﴾وَبِٱلَّيۡلِۚ أَفَلَا تَعۡقِلُونَ
Transliteration: Wabiallayli afala taAAqiloona
Translation: Mukanagorobeza muhaca. Ubwo ntimwogarura akenge mugatinya ko mwoshikirwa n’ivyabashikiye.
وَإِنَّ يُونُسَ لَمِنَ ٱلۡمُرۡسَلِينَ ﴿139﴾وَإِنَّ يُونُسَ لَمِنَ ٱلۡمُرۡسَلِينَ
Transliteration: Wainna yoonusa lamina almursaleena
Translation: Mu vy’ukuri Yunusu, ni ukuri ari mu bo Twateye iteka ryo kuba Intumwa;
إِذۡ أَبَقَ إِلَى ٱلۡفُلۡكِ ٱلۡمَشۡحُونِ ﴿140﴾إِذۡ أَبَقَ إِلَى ٱلۡفُلۡكِ ٱلۡمَشۡحُونِ
Transliteration: Ith abaqa ila alfulki almashhooni
Translation: Igihe atwarwa n’agashavu agata abantu biwe yarungitsweko, agahungira mu bwato bwuzuye abantu n’ibintu;
فَسَاهَمَ فَكَانَ مِنَ ٱلۡمُدۡحَضِينَ ﴿141﴾فَسَاهَمَ فَكَانَ مِنَ ٱلۡمُدۡحَضِينَ
Transliteration: Fasahama fakana mina almudhadeena
Translation: Maze nya bwato bukubitwa n’imikuba iturutse irya n’ino, biba ngombwa ko baburemururira kugira ntibwibire. Ni ho rero bagira tombora ku kuraba uwotabwa mw’ibahari, maze amajwi yose agwa kuri Yunusu;
فَٱلۡتَقَمَهُ ٱلۡحُوتُ وَهُوَ مُلِيمٞ ﴿142﴾فَٱلۡتَقَمَهُ ٱلۡحُوتُ وَهُوَ مُلِيمٞ
Transliteration: Failtaqamahu alhootu wahuwa muleemun
Translation: Araheza atabwa mw’ibahari, ifi amahanga iba yamubonye nk’ejo ica iramusama, iramutamira ku mwikomo yari afitiwe n’Imana Allah.
فَلَوۡلَآ أَنَّهُۥ كَانَ مِنَ ٱلۡمُسَبِّحِينَ ﴿143﴾فَلَوۡلَآ أَنَّهُۥ كَانَ مِنَ ٱلۡمُسَبِّحِينَ
Transliteration: Falawla annahu kana mina almusabbiheena
Translation: Iyo Yunusu rero ataba ari mu bantu barangwa no gukora ivyiza imbere yuko atamirwa na nya fi, hanyuma akaguma aninahaza yongera atazira Imana Allah ari mu nda yayo[5];
لَلَبِثَ فِي بَطۡنِهِۦٓ إِلَىٰ يَوۡمِ يُبۡعَثُونَ ﴿144﴾لَلَبِثَ فِي بَطۡنِهِۦٓ إِلَىٰ يَوۡمِ يُبۡعَثُونَ
Transliteration: Lalabitha fee batnihi ila yawmi yubAAathoona
Translation: Ni ukuri yari gupfira mu nda yayo, maze akagumayo gushika ku musi w’izurwa ry’ibiremwa.
فَنَبَذۡنَٰهُ بِٱلۡعَرَآءِ وَهُوَ سَقِيمٞ ﴿145﴾۞فَنَبَذۡنَٰهُ بِٱلۡعَرَآءِ وَهُوَ سَقِيمٞ
Transliteration: Fanabathnahu bialAAarai wahuwa saqeemun
Translation: Ni ho rero Twamukura muri nya fi Tukamuterera kw’isi y’ubugaragwa, yarushe yacitse intere;
وَأَنۢبَتۡنَا عَلَيۡهِ شَجَرَةٗ مِّن يَقۡطِينٖ ﴿146﴾وَأَنۢبَتۡنَا عَلَيۡهِ شَجَرَةٗ مِّن يَقۡطِينٖ
Transliteration: Waanbatna AAalayhi shajaratan min yaqteenin
Translation: Turaheza Tumunagishiriza igiti c’uruyuzi kimuha agatutu, akanagifungurako gushika atore mitende.
وَأَرۡسَلۡنَٰهُ إِلَىٰ مِاْئَةِ أَلۡفٍ أَوۡ يَزِيدُونَ ﴿147﴾وَأَرۡسَلۡنَٰهُ إِلَىٰ مِاْئَةِ أَلۡفٍ أَوۡ يَزِيدُونَ
Transliteration: Waarsalnahu ila miati alfin aw yazeedoona
Translation: Mu nyuma, Twahavuye Tumurungika ku bantu ibihumbi ijana, mbere n’abarenga;
فَـَٔامَنُواْ فَمَتَّعۡنَٰهُمۡ إِلَىٰ حِينٖ ﴿148﴾فَـَٔامَنُواْ فَمَتَّعۡنَٰهُمۡ إِلَىٰ حِينٖ
Transliteration: Faamanoo famattaAAnahum ila heenin
Translation: Maze baramwemera baranashira mu ngiro ivyo abigisha, Duca Tubaha kuryoherwa n’ubuzima bwo kw’isi gushika kw’isango ryo gupfa kwabo.
فَٱسۡتَفۡتِهِمۡ أَلِرَبِّكَ ٱلۡبَنَاتُ وَلَهُمُ ٱلۡبَنُونَ ﴿149﴾فَٱسۡتَفۡتِهِمۡ أَلِرَبِّكَ ٱلۡبَنَاتُ وَلَهُمُ ٱلۡبَنُونَ
Transliteration: Faistaftihim alirabbika albanatu walahumu albanoona
Translation: Ntumwa y’Imana! Baza abantu warungitsweko ukuntu bubahuka bakomekera abakobwa ku Mana yawe Rurema Allah ku rwanko gusa babafitiye, maze bakigenera abahungu ku rukundo babafitiye!
أَمۡ خَلَقۡنَا ٱلۡمَلَـٰٓئِكَةَ إِنَٰثٗا وَهُمۡ شَٰهِدُونَ ﴿150﴾أَمۡ خَلَقۡنَا ٱلۡمَلَـٰٓئِكَةَ إِنَٰثٗا وَهُمۡ شَٰهِدُونَ
Transliteration: Am khalaqna almalaikata inathan wahum shahidoona
Translation: Babaze kandi bakwereke ko ariho bari bari, igihe Twebwe Allah Turema abamalayika ari abakobwa nk’uko babivuga!
أَلَآ إِنَّهُم مِّنۡ إِفۡكِهِمۡ لَيَقُولُونَ ﴿151﴾أَلَآ إِنَّهُم مِّنۡ إِفۡكِهِمۡ لَيَقُولُونَ
Transliteration: Ala innahum min ifkihim layaqooloona
Translation: Emwe bantu! Nimwumve mwumvireho! Ni ukuri mu binyoma vy’ababangikanyamana, bavuga ko;
وَلَدَ ٱللَّهُ وَإِنَّهُمۡ لَكَٰذِبُونَ ﴿152﴾وَلَدَ ٱللَّهُ وَإِنَّهُمۡ لَكَٰذِبُونَ
Transliteration: Walada Allahu wainnahum lakathiboona
Translation: Imana Allah Yavyaye. Mu vy’ukuri, barabesha bagaheba bakanyomoza ku kuvuga ivyo batazi.
أَصۡطَفَى ٱلۡبَنَاتِ عَلَى ٱلۡبَنِينَ ﴿153﴾أَصۡطَفَى ٱلۡبَنَاتِ عَلَى ٱلۡبَنِينَ
Transliteration: Astafa albanati AAala albaneena
Translation: Imana Allah Yokwihitiramwo gute abakobwa Ikirengagiza abahungu!
مَا لَكُمۡ كَيۡفَ تَحۡكُمُونَ ﴿154﴾مَا لَكُمۡ كَيۡفَ تَحۡكُمُونَ
Transliteration: Ma lakum kayfa tahkumoona
Translation: Bantu! Iyo, ni ingingo mbi cane mwishingira, ko Imana Allah Yigeneye abakobwa mu biremwa, na mwe Ikabagenera abahungu!
أَفَلَا تَذَكَّرُونَ ﴿155﴾أَفَلَا تَذَكَّرُونَ
Transliteration: Afala tathakkaroona
Translation: Ubwo ntimwokwibuka mukamenya ko bitabereye namba ko Imana Allah Yitirirwa umwana! Ntibikabe.
أَمۡ لَكُمۡ سُلۡطَٰنٞ مُّبِينٞ ﴿156﴾أَمۡ لَكُمۡ سُلۡطَٰنٞ مُّبِينٞ
Transliteration: Am lakum sultanun mubeenun
Translation: Canke mwoba mufise ku vyo muvuga, icemezo gitomoye gishingiye ku bumenyi!
فَأۡتُواْ بِكِتَٰبِكُمۡ إِن كُنتُمۡ صَٰدِقِينَ ﴿157﴾فَأۡتُواْ بِكِتَٰبِكُمۡ إِن كُنتُمۡ صَٰدِقِينَ
Transliteration: Fatoo bikitabikum in kuntum sadiqeena
Translation: Nimwaba rero mufise nya cemezo kiri mu Gitabu c’Imana Allah, enda nyabuna rero, nimukizane nimwaba muri imvugakuri koko!
وَجَعَلُواْ بَيۡنَهُۥ وَبَيۡنَ ٱلۡجِنَّةِ نَسَبٗاۚ وَلَقَدۡ عَلِمَتِ ٱلۡجِنَّةُ إِنَّهُمۡ لَمُحۡضَرُونَ ﴿158﴾وَجَعَلُواْ بَيۡنَهُۥ وَبَيۡنَ ٱلۡجِنَّةِ نَسَبٗاۚ وَلَقَدۡ عَلِمَتِ ٱلۡجِنَّةُ إِنَّهُمۡ لَمُحۡضَرُونَ
Transliteration: WajaAAaloo baynahu wabayna aljinnati nasaban walaqad AAalimati aljinnatu innahum lamuhdaroona
Translation: Ababangikanyamana bibwira ko Imana Allah hari ico Ipfana n’abamalayika gishingiye ku maraso. Ni ukuri abamalayika, barazi neza ko ababangikanyamana bazokwegeranirizwa mu bihano ku musi w’izuka.
سُبۡحَٰنَ ٱللَّهِ عَمَّا يَصِفُونَ ﴿159﴾سُبۡحَٰنَ ٱللَّهِ عَمَّا يَصِفُونَ
Transliteration: Subhana Allahi AAamma yasifoona
Translation: Nihaninahazwe rero Imana Allah mu buryo burengeye cane ivyo ababangikanyamana bayomekera.
إِلَّا عِبَادَ ٱللَّهِ ٱلۡمُخۡلَصِينَ ﴿160﴾إِلَّا عِبَادَ ٱللَّهِ ٱلۡمُخۡلَصِينَ
Transliteration: Illa AAibada Allahi almukhlaseena
Translation: Ariko rero, abaja b’Imana Allah bemera koko bakeza n’idini ryayo, ntibavuga ku Mana Allah, kiretse ibiberanye n’icubahiro cayo.
فَإِنَّكُمۡ وَمَا تَعۡبُدُونَ ﴿161﴾فَإِنَّكُمۡ وَمَا تَعۡبُدُونَ
Transliteration: Fainnakum wama taAAbudoona
Translation: Babangikanyamana! Mu vy’ukuri mwebwe hamwe n’ibigirwamana musenga mu gishingo c’Imana Allah;
مَآ أَنتُمۡ عَلَيۡهِ بِفَٰتِنِينَ ﴿162﴾مَآ أَنتُمۡ عَلَيۡهِ بِفَٰتِنِينَ
Transliteration: Ma antum AAalayhi bifatineena
Translation: Ntimushoboye guhubisha n’umwe mu biremwa;
إِلَّا مَنۡ هُوَ صَالِ ٱلۡجَحِيمِ ﴿163﴾إِلَّا مَنۡ هُوَ صَالِ ٱلۡجَحِيمِ
Transliteration: Illa man huwa sali aljaheemi
Translation: Kiretse uwagenewe kuja mu muriro ku bugarariji bwiwe.
وَمَامِنَّآ إِلَّا لَهُۥ مَقَامٞ مَّعۡلُومٞ ﴿164﴾وَمَامِنَّآ إِلَّا لَهُۥ مَقَامٞ مَّعۡلُومٞ
Transliteration: Wama minna illa lahu maqamun maAAloomun
Translation: Abamalayika bazovuga bati: “Nta n’umwe muri twebwe, kiretse ko afise ahantu hazwi mw’ijuru adashobora kurenga;
وَإِنَّا لَنَحۡنُ ٱلصَّآفُّونَ ﴿165﴾وَإِنَّا لَنَحۡنُ ٱلصَّآفُّونَ
Transliteration: Wainna lanahnu alssaffoona
Translation: Mu vy’ukuri twebwe, turatonda mu runani, ku murongo mu gusenga Imana Allah no mu kuyumvira;
وَإِنَّا لَنَحۡنُ ٱلۡمُسَبِّحُونَ ﴿166﴾وَإِنَّا لَنَحۡنُ ٱلۡمُسَبِّحُونَ
Transliteration: Wainna lanahnu almusabbihoona
Translation: Mu vy’ukuri twebwe, tuninahaza twongera dutazira Imana Allah, mu buryo buri kure cane y’ibitaberanye n'icubahiro cayo”.
وَإِن كَانُواْ لَيَقُولُونَ ﴿167﴾وَإِن كَانُواْ لَيَقُولُونَ
Transliteration: Wain kanoo layaqooloona
Translation: Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri ababangikanyamana, ni ukuri bahora binamura bakavuga imbere y’irungikwa ryawe bati:
لَوۡ أَنَّ عِندَنَا ذِكۡرٗا مِّنَ ٱلۡأَوَّلِينَ ﴿168﴾لَوۡ أَنَّ عِندَنَا ذِكۡرٗا مِّنَ ٱلۡأَوَّلِينَ
Transliteration: Law anna AAindana thikran mina alawwaleena
Translation: “Ese iyo dushikirwa n’Ibitabu n’Intumwa nk’ivyashikiriye abo hambere yacu;
لَكُنَّا عِبَادَ ٱللَّهِ ٱلۡمُخۡلَصِينَ ﴿169﴾لَكُنَّا عِبَادَ ٱللَّهِ ٱلۡمُخۡلَصِينَ
Transliteration: Lakunna AAibada Allahi almukhlaseena
Translation: Ni ukuri twari kuba abaja b’Imana Allah, bemera koko bakeza n’idini ryayo”.
فَكَفَرُواْ بِهِۦۖ فَسَوۡفَ يَعۡلَمُونَ ﴿170﴾فَكَفَرُواْ بِهِۦۖ فَسَوۡفَ يَعۡلَمُونَ
Transliteration: Fakafaroo bihi fasawfa yaAAlamoona
Translation: Igihe bashikirwa rero n’Igibabu ca Qor’ani n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), barabigararije bivuye inyuma. Bitebe bitebuke rero, bazomenya ibihano bibarindiriye mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
وَلَقَدۡ سَبَقَتۡ كَلِمَتُنَا لِعِبَادِنَا ٱلۡمُرۡسَلِينَ ﴿171﴾وَلَقَدۡ سَبَقَتۡ كَلِمَتُنَا لِعِبَادِنَا ٱلۡمُرۡسَلِينَ
Transliteration: Walaqad sabaqat kalimatuna liAAibadina almursaleena
Translation: Ni ukuri ijambo ryacu Twebwe Allah, ryaramaze gushingwa ku baja bacu mu Ntumwa;
إِنَّهُمۡ لَهُمُ ٱلۡمَنصُورُونَ ﴿172﴾إِنَّهُمۡ لَهُمُ ٱلۡمَنصُورُونَ
Transliteration: Innahum lahumu almansooroona
Translation: Ko mu vy’ukuri ari bo bategerezwa gutsinda no kunesha abansi babo;
وَإِنَّ جُندَنَا لَهُمُ ٱلۡغَٰلِبُونَ ﴿173﴾وَإِنَّ جُندَنَا لَهُمُ ٱلۡغَٰلِبُونَ
Transliteration: Wainna jundana lahumu alghaliboona
Translation: N’uko ingabo zacu ziduharanira, zitegerezwa kunesha abansi bazo, kuko ari zo zeniherezo ryiza.
فَتَوَلَّ عَنۡهُمۡ حَتَّىٰ حِينٖ ﴿174﴾فَتَوَلَّ عَنۡهُمۡ حَتَّىٰ حِينٖ
Transliteration: Fatawalla AAanhum hatta heenin
Translation: Ntumwa y’Imana! Irengagize abatemera ubarabishe amaso, gushika igihe bagenewe kubaho gihere maze bapfe, hanyuma bahanwe;
وَأَبۡصِرۡهُمۡ فَسَوۡفَ يُبۡصِرُونَ ﴿175﴾وَأَبۡصِرۡهُمۡ فَسَوۡفَ يُبۡصِرُونَ
Transliteration: Waabsirhum fasawfa yubsiroona
Translation: Tenyenya rero, uzoheza wirabire ibizobashikira ku kugarariza kwabo, bitebe bitebuke, na bo nyene bazoheza bibonereko ibizobashikira mu bihano!
أَفَبِعَذَابِنَا يَسۡتَعۡجِلُونَ ﴿176﴾أَفَبِعَذَابِنَا يَسۡتَعۡجِلُونَ
Transliteration: AfabiAAathabina yastaAAjiloona
Translation: Ntumwa y’Imana! Karashize ingani bihutire gusaba ko ibihano vyacu bibashikira!
فَإِذَا نَزَلَ بِسَاحَتِهِمۡ فَسَآءَ صَبَاحُ ٱلۡمُنذَرِينَ ﴿177﴾فَإِذَا نَزَلَ بِسَاحَتِهِمۡ فَسَآءَ صَبَاحُ ٱلۡمُنذَرِينَ
Transliteration: Faitha nazala bisahatihim fasaa sabahu almunthareena
Translation: Burya, igihe bashikiwe n’ibihano vyacu, hazoba ari igitondo kibi cane ku bagabishijwe hanyuma ntibumva!
وَتَوَلَّ عَنۡهُمۡ حَتَّىٰ حِينٖ ﴿178﴾وَتَوَلَّ عَنۡهُمۡ حَتَّىٰ حِينٖ
Transliteration: Watawalla AAanhum hatta heenin
Translation: Ntumwa y’Imana! Birengagize ubarabishe amaso rero, gushika igihe bashikiwe n’ibihano vy’Imana Allah;
وَأَبۡصِرۡ فَسَوۡفَ يُبۡصِرُونَ ﴿179﴾وَأَبۡصِرۡ فَسَوۡفَ يُبۡصِرُونَ
Transliteration: Waabsir fasawfa yubsiroona
Translation: Tenyenya rero uzoheza wirabire ibizobashikira ku kugarariza kwabo; bitebe bitebuke, na bo nyene bazokwibonerako ibizobashikira mu bihano!
سُبۡحَٰنَ رَبِّكَ رَبِّ ٱلۡعِزَّةِ عَمَّا يَصِفُونَ ﴿180﴾سُبۡحَٰنَ رَبِّكَ رَبِّ ٱلۡعِزَّةِ عَمَّا يَصِفُونَ
Transliteration: Subhana rabbika rabbi alAAizzati AAamma yasifoona
Translation: Nihaninahazwe rero Imana yawe Rurema Allah, Nyenicubahiro c’iteka mu buryo burengeye cane ivyo ababangikanyamana bayomekera.
وَسَلَٰمٌ عَلَى ٱلۡمُرۡسَلِينَ ﴿181﴾وَسَلَٰمٌ عَلَى ٱلۡمُرۡسَلِينَ
Transliteration: Wasalamun AAala almursaleena
Translation: Intumwa zose rero zirakagira amahoro, iteka n’itekane bivuye ku Mana Allah.
وَٱلۡحَمۡدُ لِلَّهِ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ ﴿182﴾وَٱلۡحَمۡدُ لِلَّهِ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Transliteration: Waalhamdu lillahi rabbi alAAalameena
Translation: Nihashimagizwe Imana Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa.
Transliteration source: English Transliteration by Tanzil. Used under Tanzil's non-commercial terms; see the source and latest updates at Tanzil. Tanzil translation download