quranm◉

Surah An-Najm transliteration

◉ Sura · ∞

53:1

وَٱلنَّجۡمِ إِذَا هَوَىٰ ﴿1﴾

Transliteration: Waalnnajmi itha hawa

Translation: Jewe Allah, Ndarahiye ku nyenyeri iyo zirenze;

53:2

مَا ضَلَّ صَاحِبُكُمۡ وَمَا غَوَىٰ ﴿2﴾

Transliteration: Ma dalla sahibukum wama ghawa

Translation: Ko umugenzi wanyu Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), atigeze ahuba namba inzira y’ukuri;

53:3

وَمَا يَنطِقُ عَنِ ٱلۡهَوَىٰٓ ﴿3﴾

Transliteration: Wama yantiqu AAani alhawa

Translation: Kandi ntavuga yisunze ivyipfuzo vyiwe;

53:4

إِنۡ هُوَ إِلَّا وَحۡيٞ يُوحَىٰ ﴿4﴾

Transliteration: In huwa illa wahyun yooha

Translation: Qor’ani n’imigenzo yiwe, si ikindi kiretse ko ari ihishurwa yahishuriwe n’Imana Allah.

53:5

عَلَّمَهُۥ شَدِيدُ ٱلۡقُوَىٰ ﴿5﴾

Transliteration: AAallamahu shadeedu alquwa

Translation: Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), yigishijwe n’umumalayika Jibrili arangwa n’inguvu nta ngere;

53:6

ذُو مِرَّةٖ فَٱسۡتَوَىٰ ﴿6﴾

Transliteration: Thoo mirratin faistawa

Translation: Afise n’indemo nziza ibereye ijisho igihe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), amubona ukuri kwamye;

53:7

وَهُوَ بِٱلۡأُفُقِ ٱلۡأَعۡلَىٰ ﴿7﴾

Transliteration: Wahuwa bialofuqi alaAAla

Translation: Ari mu kirere hejuru ku rugero rw’aho izuba riserukira;

53:8

ثُمَّ دَنَا فَتَدَلَّىٰ ﴿8﴾

Transliteration: Thumma dana fatadalla

Translation: Hanyuma rero, ni ho umumalayika Jibrili yegera aho Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) iri, maze arasubira arayegera hafi cane;

53:9

فَكَانَ قَابَ قَوۡسَيۡنِ أَوۡ أَدۡنَىٰ ﴿9﴾

Transliteration: Fakana qaba qawsayni aw adna

Translation: Gushika n’aho aba hafi yayo nka kurya kw’amasonga abiri y’umuheto canke mbere hafi cane kurusha (nka kurya kw’umunwa n’izuru);

53:10

فَأَوۡحَىٰٓ إِلَىٰ عَبۡدِهِۦ مَآ أَوۡحَىٰ ﴿10﴾

Transliteration: Faawha ila AAabdihi ma awha

Translation: Aho rero, ni ho Imana Allah Yahishurira Umuja wayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ivyo Yamuhishuriye Ibicishije ku mumalayika Jibrili (nyakugira amahoro y’Imana Allah);

53:11

مَا كَذَبَ ٱلۡفُؤَادُ مَا رَأَىٰٓ ﴿11﴾

Transliteration: Ma kathaba alfuadu ma raa

Translation: Umushaha wa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), eka ntiwigeze uhinyuza ico yiboneye n’amaso yiwe.

53:12

أَفَتُمَٰرُونَهُۥ عَلَىٰ مَا يَرَىٰ ﴿12﴾

Transliteration: Afatumaroonahu AAala ma yara

Translation: Mbega mubeshuza Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), mukamuhaririza ku vyo abona mu vyemezo vy’Imana Allah!

53:13

وَلَقَدۡ رَءَاهُ نَزۡلَةً أُخۡرَىٰ ﴿13﴾

Transliteration: Walaqad raahu nazlatan okhra

Translation: Ni ukuri, yarabonye umumalayika Jibrili ubugira kabiri ukuri kwamye;

53:14

عِندَ سِدۡرَةِ ٱلۡمُنتَهَىٰ ﴿14﴾

Transliteration: AAinda sidrati almuntaha

Translation: Ahari igiti ca Sidri mw’ijuru ry’indwi, akaba ari na ho ibiduzwa biva kw’isi n’ibimanuka biva hejuru biherera;

53:15

عِندَهَا جَنَّةُ ٱلۡمَأۡوَىٰٓ ﴿15﴾

Transliteration: AAindaha jannatu almawa

Translation: Aho ni ho hari Ubwami bw’ijuru bwasezeraniwe abagamburukiramana;

53:16

إِذۡ يَغۡشَى ٱلسِّدۡرَةَ مَا يَغۡشَىٰ ﴿16﴾

Transliteration: Ith yaghsha alssidrata ma yaghsha

Translation: Igihe ico giti ca Sidri kibonekeyemwo ivyerekana ububasha buhambaye bw’Imana Allah, ata n’umwe ashobora kumenya ukungene buteye atari Imana Allah gusa;

53:17

مَا زَاغَ ٱلۡبَصَرُ وَمَا طَغَىٰ ﴿17﴾

Transliteration: Ma zagha albasaru wama tagha

Translation: Muri ico gihe, Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yaranzwe n’ubugamburutsi nya bwo, ntiyigeze akebaguzwa iburyo canke ibubamfu, ntiyanarengereye kuraba ivyo atarekuriwe;

53:18

لَقَدۡ رَأَىٰ مِنۡ ءَايَٰتِ رَبِّهِ ٱلۡكُبۡرَىٰٓ ﴿18﴾

Transliteration: Laqad raa min ayati rabbihi alkubra

Translation: Ni ukuri mw’ijoro ryo kuduzwa mw’ijuru, yarabonye Aayah n’ivyemezo bikurubikuru vy’Imana yiwe Rurema Allah, vyerekana ububasha n’ubushobozi vyayo; nk’Ubwami bw’ijuru, umuriro, n’ibindi.

53:19

أَفَرَءَيۡتُمُ ٱللَّـٰتَ وَٱلۡعُزَّىٰ ﴿19﴾

Transliteration: Afaraaytumu allata waalAAuzza

Translation: Babangikanyamana! Murabona imana zanyu musenga; Laata na Uzzaa;

53:20

وَمَنَوٰةَ ٱلثَّالِثَةَ ٱلۡأُخۡرَىٰٓ ﴿20﴾

Transliteration: Wamanata alththalithata alokhra

Translation: Hamwe na Manaata igira gatatu, mbega zoba hari ico zimaze canke zica ku buryo zobangikanywa n’Imana Allah!

53:21

أَلَكُمُ ٱلذَّكَرُ وَلَهُ ٱلۡأُنثَىٰ ﴿21﴾

Transliteration: Alakumu alththakaru walahu alontha

Translation: Bishoboka gute ko mwigenera umwana w’umuhungu ku rukundo mufitiye abahungu, mukubahuka kwomekera umwana w’umukobwa ku Mana Allah, mu vyo mwibwira ku rwanko gusa mufitiye abakobwa!

53:22

تِلۡكَ إِذٗا قِسۡمَةٞ ضِيزَىٰٓ ﴿22﴾

Transliteration: Tilka ithan qismatun deeza

Translation: Iryo rero, ni ryo gaburwa ry’akarenganyo koko.

53:23

إِنۡ هِيَ إِلَّآ أَسۡمَآءٞ سَمَّيۡتُمُوهَآ أَنتُمۡ وَءَابَآؤُكُم مَّآ أَنزَلَ ٱللَّهُ بِهَا مِن سُلۡطَٰنٍۚ إِن يَتَّبِعُونَ إِلَّا ٱلظَّنَّ وَمَا تَهۡوَى ٱلۡأَنفُسُۖ وَلَقَدۡ جَآءَهُم مِّن رَّبِّهِمُ ٱلۡهُدَىٰٓ ﴿23﴾

Transliteration: In hiya illa asmaon sammaytumooha antum waabaokum ma anzala Allahu biha min sultanin in yattabiAAoona illa alththanna wama tahwa alanfusu walaqad jaahum min rabbihimu alhuda

Translation: Ivyo bigirwamana, si ikindi kiretse ko ari amazina mwapfundikanije murarementanya mwebwe hamwe na ba so banyu. Nta n’aho Imana Allah, Yigeze Imanura n’icemezo na kimwe cemeza ivyo mwibwira. Ababangikanyamana rero, nta co bakurikira kiretse ugukekeranya hamwe n’ivyipfuzo vyabo. Ni ukuri, barashikiriwe n’uburongozi buvuye ku Mana yabo Rurema Allah, Yaburungikanye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ariko nta co bwabamariye.

53:24

أَمۡ لِلۡإِنسَٰنِ مَا تَمَنَّىٰ ﴿24﴾

Transliteration: Am lilinsani ma tamanna

Translation: Umuntu, ntazoronka ivugirwa yipfuza kuri ivyo bigirwamana canke ku bindi;

53:25

فَلِلَّهِ ٱلۡأٓخِرَةُ وَٱلۡأُولَىٰ ﴿25﴾

Transliteration: Falillahi alakhiratu waaloola

Translation: Imana Allah, ni Yo Nyeningingo yubahirizwa mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa.

53:26

وَكَم مِّن مَّلَكٖ فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ لَا تُغۡنِي شَفَٰعَتُهُمۡ شَيۡـًٔا إِلَّا مِنۢ بَعۡدِ أَن يَأۡذَنَ ٱللَّهُ لِمَن يَشَآءُ وَيَرۡضَىٰٓ ﴿26﴾

Transliteration: Wakam min malakin fee alssamawati la tughnee shafaAAatuhum shayan illa min baAAdi an yathana Allahu liman yashao wayarda

Translation: Hari benshi mu bamalayika bari mu majuru hamwe n’icubahiro bafise, ivugira ryabo ata na kimwe rizomara, kiretse inyuma y’aho Imana Allah Izorekurira uwo Ishatse muri bo ngo hagire uwo avugiye, hanyuma Ikanishimira n’uwuvugiwe.

53:27

إِنَّ ٱلَّذِينَ لَا يُؤۡمِنُونَ بِٱلۡأٓخِرَةِ لَيُسَمُّونَ ٱلۡمَلَـٰٓئِكَةَ تَسۡمِيَةَ ٱلۡأُنثَىٰ ﴿27﴾

Transliteration: Inna allatheena la yuminoona bialakhirati layusammoona almalaikata tasmiyata alontha

Translation: Mu vy’ukuri, abatemera ubuzima bw’inyuma yo gupfa ko bubaho ngo babwitegurire, ni ukuri, ku kwemera kwabo kw’ibintazi, bita abamalayika abakobwa kuko bibwira ko ari abana b’Imana Allah b’abakobwa;

53:28

وَمَا لَهُم بِهِۦ مِنۡ عِلۡمٍۖ إِن يَتَّبِعُونَ إِلَّا ٱلظَّنَّۖ وَإِنَّ ٱلظَّنَّ لَا يُغۡنِي مِنَ ٱلۡحَقِّ شَيۡـٔٗا ﴿28﴾

Transliteration: Wama lahum bihi min AAilmin in yattabiAAoona illa alththanna wainna alththanna la yughnee mina alhaqqi shayan

Translation: Nta n’ubumenyi bafise bwemeza ko abamalayika ari abakobwa b’Imana Allah; ntibanakurikira, kiretse ugukekeranya gusa, kandi rero burya mu vy’ukuri, ugukekeranya ntigusubirira ukuri na gato.

53:29

فَأَعۡرِضۡ عَن مَّن تَوَلَّىٰ عَن ذِكۡرِنَا وَلَمۡ يُرِدۡ إِلَّا ٱلۡحَيَوٰةَ ٱلدُّنۡيَا ﴿29﴾

Transliteration: FaaAArid AAan man tawalla AAan thikrina walam yurid illa alhayata alddunya

Translation: Ntumwa y’Imana! Irengagize ubirabishe amaso. Uwugenza umugongo yirengagiza urwibutso rwacu rwa Qor’ani, nta kindi arondera kiretse ubuzima bwo kw’isi;

53:30

ذَٰلِكَ مَبۡلَغُهُم مِّنَ ٱلۡعِلۡمِۚ إِنَّ رَبَّكَ هُوَ أَعۡلَمُ بِمَن ضَلَّ عَن سَبِيلِهِۦ وَهُوَ أَعۡلَمُ بِمَنِ ٱهۡتَدَىٰ ﴿30﴾

Transliteration: Thalika mablaghuhum mina alAAilmi inna rabbaka huwa aAAlamu biman dalla AAan sabeelihi wahuwa aAAlamu bimani ihtada

Translation: Aho ni ho ubumenyi bwabo bugera. Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni Yo Izi neza uwahuvye inzira y’ukuri, ni na Yo Izi neza kandi uwakurikiye inzira y’ubwislamu[1].

53:31

وَلِلَّهِ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَا فِي ٱلۡأَرۡضِ لِيَجۡزِيَ ٱلَّذِينَ أَسَـٰٓـُٔواْ بِمَا عَمِلُواْ وَيَجۡزِيَ ٱلَّذِينَ أَحۡسَنُواْ بِٱلۡحُسۡنَى ﴿31﴾

Transliteration: Walillahi ma fee alssamawati wama fee alardi liyajziya allatheena asaoo bima AAamiloo wayajziya allatheena ahsanoo bialhusna

Translation: Imana Allah, ni na Yo rero Rugaba, Igaba Ikaganza ibiri mu majuru n’ibiri mw’isi, kugira Ihanire abakoze nabi ku vyo bakoze, Iheze Ihembe abakoze neza Ubwami bw’ijuru;

53:32

ٱلَّذِينَ يَجۡتَنِبُونَ كَبَـٰٓئِرَ ٱلۡإِثۡمِ وَٱلۡفَوَٰحِشَ إِلَّا ٱللَّمَمَۚ إِنَّ رَبَّكَ وَٰسِعُ ٱلۡمَغۡفِرَةِۚ هُوَ أَعۡلَمُ بِكُمۡ إِذۡ أَنشَأَكُم مِّنَ ٱلۡأَرۡضِ وَإِذۡ أَنتُمۡ أَجِنَّةٞ فِي بُطُونِ أُمَّهَٰتِكُمۡۖ فَلَا تُزَكُّوٓاْ أَنفُسَكُمۡۖ هُوَ أَعۡلَمُ بِمَنِ ٱتَّقَىٰٓ ﴿32﴾

Transliteration: Allatheena yajtaniboona kabaira alithmi waalfawahisha illa allamama inna rabbaka wasiAAu almaghfirati huwa aAAlamu bikum ith anshaakum mina alardi waith antum ajinnatun fee butooni ommahatikum fala tuzakkoo anfusakum huwa aAAlamu bimani ittaqa

Translation: Abirinda gukora ivyaha rutura be n’ibicumuro, kiretse ibicumuro bitobito bidakorwa n’ibigirankana canke bigakorwa gake kabaho, ivyo biraheza bigahunguruka mu gihe umuntu yubahirije amabwirizwa y’ibisabwa n’ibibujijwe gukora; mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, Iragumiriza akabanga umuntu Ikamubabarira ibicumuro, ni na Yo rero Izi cane ukuntu mubayeho kuva aho Iremeye so wanyu Adamu mw’ivu, n’igihe muba mukiri mu mbanyi z’abavyeyi banyu. Ntimukiyeze rero ko muri abagamburutsi, burya Imana Allah, ni Yo Izi na canecane uwikingira ibihano vyayo mu kwirinda gukora ibibujijwe.

53:33

أَفَرَءَيۡتَ ٱلَّذِي تَوَلَّىٰ ﴿33﴾

Transliteration: Afaraayta allathee tawalla

Translation: Ntumwa y’Imana! Mbega warabonye uwugenza umugongo akirengagiza igamburukiramana!

53:34

وَأَعۡطَىٰ قَلِيلٗا وَأَكۡدَىٰٓ ﴿34﴾

Transliteration: WaaAAta qaleelan waakda

Translation: Maze agatanga dukeya mu matungo yiwe, hanyuma agateba agaheba gutanga n’utwo dukeya;

53:35

أَعِندَهُۥ عِلۡمُ ٱلۡغَيۡبِ فَهُوَ يَرَىٰٓ ﴿35﴾

Transliteration: aAAindahu AAilmu alghaybi fahuwa yara

Translation: Mbega yoba azi mu binyegejwe ibiremwa, ko amatungo yiwe azoteba agahera n’aho yoheba gutanga, akazovyibonera n’amaso! Uko yiyumvira si ko biri. Ahubwo areka gutanga, kuko ari impfumbasi ruhebwa;

53:36

أَمۡ لَمۡ يُنَبَّأۡ بِمَا فِي صُحُفِ مُوسَىٰ ﴿36﴾

Transliteration: Am lam yunabba bima fee suhufi moosa

Translation: Mbega ntiyabwiwe ibiri muri Tawurati ya Musa;

53:37

وَإِبۡرَٰهِيمَ ٱلَّذِي وَفَّىٰٓ ﴿37﴾

Transliteration: Waibraheema allathee waffa

Translation: N’ibiri mu Mizingo ya Ibrahimu yubahirije ishirwa mu ngiro ry’ivyo yategetswe!

53:38

أَلَّا تَزِرُ وَازِرَةٞ وِزۡرَ أُخۡرَىٰ ﴿38﴾

Transliteration: Alla taziru waziratun wizra okhra

Translation: Ko ata muntu azohanirwa icaha ca mugenziwe, akazobazwa ku vyo yakoze ku gatwe kiwe;

53:39

وَأَن لَّيۡسَ لِلۡإِنسَٰنِ إِلَّا مَا سَعَىٰ ﴿39﴾

Transliteration: Waan laysa lilinsani illa ma saAAa

Translation: N’uko umuntu atazohemberwa, kiretse ico yaranguye we nyene;

53:40

وَأَنَّ سَعۡيَهُۥ سَوۡفَ يُرَىٰ ﴿40﴾

Transliteration: Waanna saAAyahu sawfa yura

Translation: N’uko indishi y’ivyo yaranguye izoboneka mu buzima bw’inyuma yo gupfa;

53:41

ثُمَّ يُجۡزَىٰهُ ٱلۡجَزَآءَ ٱلۡأَوۡفَىٰ ﴿41﴾

Transliteration: Thumma yujzahu aljazaa alawfa

Translation: Hanyuma akazohemberwa ivyo yaranguye ata kigabanijweko;

53:42

وَأَنَّ إِلَىٰ رَبِّكَ ٱلۡمُنتَهَىٰ ﴿42﴾

Transliteration: Waanna ila rabbika almuntaha

Translation: N’uko iherezo ry’ibiremwa vyose ku musi w’izuka, ari ku Mana yawe Rurema Allah;

53:43

وَأَنَّهُۥ هُوَ أَضۡحَكَ وَأَبۡكَىٰ ﴿43﴾

Transliteration: Waannahu huwa adhaka waabka

Translation: N’uko Imana Allah ari Yo Ituma uwutwenga, atwenga iyo hagize ikimunezereye; Igatuma n’uwurira, arira iyo hagize ikimubabaza;

53:44

وَأَنَّهُۥ هُوَ أَمَاتَ وَأَحۡيَا ﴿44﴾

Transliteration: Waannahu huwa amata waahya

Translation: N’uko ari Yo Yaka ubuzima uwo Ishatse hageze gupfa, agapfa; Igaha n’ubuzima uwo Ishatse, akabaho;

53:45

وَأَنَّهُۥ خَلَقَ ٱلزَّوۡجَيۡنِ ٱلذَّكَرَ وَٱلۡأُنثَىٰ ﴿45﴾

Transliteration: Waannahu khalaqa alzzawjayni alththakara waalontha

Translation: N’uko Yaremye mu bantu no mu binyabuzima ibitsina bibiribibiri: igitsina-gabo n’igitsina-gore;

53:46

مِن نُّطۡفَةٍ إِذَا تُمۡنَىٰ ﴿46﴾

Transliteration: Min nutfatin itha tumna

Translation: Ikabirema mu ntanga zisunitswe mu gitereko;

53:47

وَأَنَّ عَلَيۡهِ ٱلنَّشۡأَةَ ٱلۡأُخۡرَىٰ ﴿47﴾

Transliteration: Waanna AAalayhi alnnashata alokhra

Translation: N’uko Imana Allah Izosubiza kandi ubuzima ibiremwa, maze bikazuka ku musi w’izuka;

53:48

وَأَنَّهُۥ هُوَ أَغۡنَىٰ وَأَقۡنَىٰ ﴿48﴾

Transliteration: Waannahu huwa aghna waaqna

Translation: N’uko ari Yo Ikenura ibiremwa, maze bigatunga bigatunganirwa;

53:49

وَأَنَّهُۥ هُوَ رَبُّ ٱلشِّعۡرَىٰ ﴿49﴾

Transliteration: Waannahu huwa rabbu alshshiAAra

Translation: N’uko ari Yo Rurema Yaremye inyenyeri yakaka[655];

53:50

وَأَنَّهُۥٓ أَهۡلَكَ عَادًا ٱلۡأُولَىٰ ﴿50﴾

Transliteration: Waannahu ahlaka AAadan aloola

Translation: N’uko ari Yo Yahoneje Bene Aadi barungikiwe Huudi;

53:51

وَثَمُودَاْ فَمَآ أَبۡقَىٰ ﴿51﴾

Transliteration: Wathamooda fama abqa

Translation: Ihonya na Bene Thamuudi barungikiwe Swalehe. Abo bose rero, Yabahonereje rimwe, nta n’igisanira casigaye;

53:52

وَقَوۡمَ نُوحٖ مِّن قَبۡلُۖ إِنَّهُمۡ كَانُواْ هُمۡ أَظۡلَمَ وَأَطۡغَىٰ ﴿52﴾

Transliteration: Waqawma noohin min qablu innahum kanoo hum athlama waatgha

Translation: Yahoneje n’abantu barungikiwe Nuhu hambere ya Bene Aadi na Bene Thamuudi. Mu vy’ukuri abo bose, bari n’abantu bimonogoje mu kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah kurusha abakurikiye mu nyuma.

53:53

وَٱلۡمُؤۡتَفِكَةَ أَهۡوَىٰ ﴿53﴾

Transliteration: Waalmutafikata ahwa

Translation: N’abantu bo mu bisagara vyimonogoje mu bugaba rero, Imana Allah Yarabibubitseko, maze Ibafuririra mu kuzimu;

53:54

فَغَشَّىٰهَا مَا غَشَّىٰ ﴿54﴾

Transliteration: Faghashshaha ma ghashsha

Translation: Iraheza Ibakurikiza n’amabuye y’urutavanako yahanantutse mu kirere nk’imvura.

53:55

فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكَ تَتَمَارَىٰ ﴿55﴾

Transliteration: Fabiayyi alai rabbika tatamara

Translation: Muntu uhakana! None, ni iyihe nema mu nema z’Imana yawe Rurema Allah, ufiseko amakenga!

53:56

هَٰذَا نَذِيرٞ مِّنَ ٱلنُّذُرِ ٱلۡأُولَىٰٓ ﴿56﴾

Transliteration: Hatha natheerun mina alnnuthuri aloola

Translation: Ng’uyu rero Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), Umugabisha w’ukuri ku vyo n’Abavugishwamana bo hambere yiwe bagabishijeko abo barungitsweko. Ntabwo rero ari icaduka mu Ntumwa.

53:57

أَزِفَتِ ٱلۡأٓزِفَةُ ﴿57﴾

Transliteration: Azifati alazifatu

Translation: Umuhero w’isi, vuba bwango ugiye gushika;

53:58

لَيۡسَ لَهَا مِن دُونِ ٱللَّهِ كَاشِفَةٌ ﴿58﴾

Transliteration: Laysa laha min dooni Allahi kashifatun

Translation: Nta wushobora kubuza canke ngo amenye isango uzoshikirako atari Imana Allah.

53:59

أَفَمِنۡ هَٰذَا ٱلۡحَدِيثِ تَعۡجَبُونَ ﴿59﴾

Transliteration: Afamin hatha alhadeethi taAAjaboona

Translation: Babangikanyamana! Mbega mutangazwa n’uko iyi Qor’ani yoba koko ari ukuri;

53:60

وَتَضۡحَكُونَ وَلَا تَبۡكُونَ ﴿60﴾

Transliteration: Watadhakoona wala tabkoona

Translation: Mukanatwenga muyiteburako, ha kurira kw’igabishwa ririmwo ku bihano bibarindiriye;

53:61

وَأَنتُمۡ سَٰمِدُونَ ﴿61﴾

Transliteration: Waantum samidoona

Translation: Mukabandanya mufyinata munayirengagiza!

53:62

فَٱسۡجُدُواْۤ لِلَّهِۤ وَٱعۡبُدُواْ۩ ﴿62﴾

Transliteration: Faosjudoo lillahi waoAAbudoo

Translation: Enda rero nyabuna nimwubamire Imana Allah mu gushira uruhanga hasi, mweze n’ivyo mukora vyose mu kuyiyegereza ku bwayo[2].

Transliteration source: English Transliteration by Tanzil. Used under Tanzil's non-commercial terms; see the source and latest updates at Tanzil. Tanzil translation download