عَمَّ يَتَسَآءَلُونَ ﴿1﴾عَمَّ يَتَسَآءَلُونَ
Transliteration: AAamma yatasaaloona
Translation: Ababangikanyamana, babazanya ku nkuru nyabaki?
عَمَّ يَتَسَآءَلُونَ ﴿1﴾عَمَّ يَتَسَآءَلُونَ
Transliteration: AAamma yatasaaloona
Translation: Ababangikanyamana, babazanya ku nkuru nyabaki?
عَنِ ٱلنَّبَإِ ٱلۡعَظِيمِ ﴿2﴾عَنِ ٱلنَّبَإِ ٱلۡعَظِيمِ
Transliteration: AAani alnnabai alAAatheemi
Translation: Babazanya ku nkuru ihambaye y’umusi w’izuka ry’ibiremwa, ivugwa muri Qor’ani ntagatifu;
ٱلَّذِي هُمۡ فِيهِ مُخۡتَلِفُونَ ﴿3﴾ٱلَّذِي هُمۡ فِيهِ مُخۡتَلِفُونَ
Transliteration: Allathee hum feehi mukhtalifoona
Translation: Ari yo badahurizako bigatuma bayihakana bivuye inyuma.
كَلَّا سَيَعۡلَمُونَ ﴿4﴾كَلَّا سَيَعۡلَمُونَ
Transliteration: Kalla sayaAAlamoona
Translation: Nibateshwe bate, barahumba! Bitebe bitebuke, bazomenya ukuri kw’iyo nkuru igihe babonye inkurikizi z’igarariza ryabo ku musi w’izuka.
ثُمَّ كَلَّا سَيَعۡلَمُونَ ﴿5﴾ثُمَّ كَلَّا سَيَعۡلَمُونَ
Transliteration: Thumma kalla sayaAAlamoona
Translation: Eka, nibateshwe bate, barahumba! Kandi nibageze aho uguhakana! Bitebe bitebuke, bazomenya ukuri kwa Qor’ani n’ukw’izuka rivugwa muri yo.
أَلَمۡ نَجۡعَلِ ٱلۡأَرۡضَ مِهَٰدٗا ﴿6﴾أَلَمۡ نَجۡعَلِ ٱلۡأَرۡضَ مِهَٰدٗا
Transliteration: Alam najAAali alarda mihadan
Translation: Mbega Twebwe Allah, ntitwagize isi nk’isaso!
وَٱلۡجِبَالَ أَوۡتَادٗا ﴿7﴾وَٱلۡجِبَالَ أَوۡتَادٗا
Transliteration: Waaljibala awtadan
Translation: Tugira n’imisozi nk’imambo ziyigumya!
وَخَلَقۡنَٰكُمۡ أَزۡوَٰجٗا ﴿8﴾وَخَلَقۡنَٰكُمۡ أَزۡوَٰجٗا
Transliteration: Wakhalaqnakum azwajan
Translation: Tubaremamwo imigwi ibiri; igitsina-gabo n’igitsina-gore!
وَجَعَلۡنَا نَوۡمَكُمۡ سُبَاتٗا ﴿9﴾وَجَعَلۡنَا نَوۡمَكُمۡ سُبَاتٗا
Transliteration: WajaAAalna nawmakum subatan
Translation: Tugira n’itiro ryanyu kuba uburuhuro bw’umubiri n’umutima!
وَجَعَلۡنَا ٱلَّيۡلَ لِبَاسٗا ﴿10﴾وَجَعَلۡنَا ٱلَّيۡلَ لِبَاسٗا
Transliteration: WajaAAalna allayla libasan
Translation: Tugira n’ijoro kuba nk’impuzu ipfuka umubiri, iyo umwijima waryo ubanyegeje!
وَجَعَلۡنَا ٱلنَّهَارَ مَعَاشٗا ﴿11﴾وَجَعَلۡنَا ٱلنَّهَارَ مَعَاشٗا
Transliteration: WajaAAalna alnnahara maAAashan
Translation: Tugira n’umurango kuba umwanya wo kurondera ikibabeshaho!
وَبَنَيۡنَا فَوۡقَكُمۡ سَبۡعٗا شِدَادٗا ﴿12﴾وَبَنَيۡنَا فَوۡقَكُمۡ سَبۡعٗا شِدَادٗا
Transliteration: Wabanayna fawqakum sabAAan shidadan
Translation: Twubaka n’amajuru indwi akomakomeye mu kirere hejuru yanyu!
وَجَعَلۡنَا سِرَاجٗا وَهَّاجٗا ﴿13﴾وَجَعَلۡنَا سِرَاجٗا وَهَّاجٗا
Transliteration: WajaAAalna sirajan wahhajan
Translation: Tugira n’izuba riba nk’itara ribasusurutsa!
وَأَنزَلۡنَا مِنَ ٱلۡمُعۡصِرَٰتِ مَآءٗ ثَجَّاجٗا ﴿14﴾وَأَنزَلۡنَا مِنَ ٱلۡمُعۡصِرَٰتِ مَآءٗ ثَجَّاجٗا
Transliteration: Waanzalna mina almuAAsirati maan thajjajan
Translation: Tumanura n’amazi menshi y’imvura ava mu bicu;
لِّنُخۡرِجَ بِهِۦ حَبّٗا وَنَبَاتٗا ﴿15﴾لِّنُخۡرِجَ بِهِۦ حَبّٗا وَنَبَاتٗا
Transliteration: Linukhrija bihi habban wanabatan
Translation: Kugira Tuyanagishe imbuto zifungurwa n’abantu, n’ivyatsi birishwa n’ibikoko;
وَجَنَّـٰتٍ أَلۡفَافًا ﴿16﴾وَجَنَّـٰتٍ أَلۡفَافًا
Transliteration: Wajannatin alfafan
Translation: N’amashamba atotahaye, arimwo ibiti vy’amashami azitanye.
إِنَّ يَوۡمَ ٱلۡفَصۡلِ كَانَ مِيقَٰتٗا ﴿17﴾إِنَّ يَوۡمَ ٱلۡفَصۡلِ كَانَ مِيقَٰتٗا
Transliteration: Inna yawma alfasli kana meeqatan
Translation: Mu vy’ukuri, umusi w’izuka wo gutunganiriza ibiremwa urafise isango ntarengwa;
يَوۡمَ يُنفَخُ فِي ٱلصُّورِ فَتَأۡتُونَ أَفۡوَاجٗا ﴿18﴾يَوۡمَ يُنفَخُ فِي ٱلصُّورِ فَتَأۡتُونَ أَفۡوَاجٗا
Transliteration: Yawma yunfakhu fee alssoori fatatoona afwajan
Translation: Ni umusi hazovuzwa inzamba igira kabiri, mugaca muzuka mu migwimigwi[1];
وَفُتِحَتِ ٱلسَّمَآءُ فَكَانَتۡ أَبۡوَٰبٗا ﴿19﴾وَفُتِحَتِ ٱلسَّمَآءُ فَكَانَتۡ أَبۡوَٰبٗا
Transliteration: Wafutihati alssamao fakanat abwaban
Translation: Amajuru na yo akugururwa, akagira imiryango myinshi;
وَسُيِّرَتِ ٱلۡجِبَالُ فَكَانَتۡ سَرَابًا ﴿20﴾وَسُيِّرَتِ ٱلۡجِبَالُ فَكَانَتۡ سَرَابًا
Transliteration: Wasuyyirati aljibalu fakanat saraban
Translation: Imisozi na yo igakurwaho, ikaba icirungu[2].
إِنَّ جَهَنَّمَ كَانَتۡ مِرۡصَادٗا ﴿21﴾إِنَّ جَهَنَّمَ كَانَتۡ مِرۡصَادٗا
Transliteration: Inna jahannama kanat mirsadan
Translation: Mu vy’ukuri umuriro wa Jahannamu kuri uwo musi, ni uburerekero bw’abahakanyi;
لِّلطَّـٰغِينَ مَـَٔابٗا ﴿22﴾لِّلطَّـٰغِينَ مَـَٔابٗا
Transliteration: Lilttagheena maaban
Translation: Ku barenga ku mabwirizwa y’Imana Allah, ni bwo buruhukiro bwabo;
لَّـٰبِثِينَ فِيهَآ أَحۡقَابٗا ﴿23﴾لَّـٰبِثِينَ فِيهَآ أَحۡقَابٗا
Transliteration: Labitheena feeha ahqaban
Translation: Bazowubamwo ibihe n’ibihe bidahera.
لَّا يَذُوقُونَ فِيهَا بَرۡدٗا وَلَا شَرَابًا ﴿24﴾لَّا يَذُوقُونَ فِيهَا بَرۡدٗا وَلَا شَرَابًا
Transliteration: La yathooqoona feeha bardan wala sharaban
Translation: Nta mbeho bazokwumvamwo ngo basame akayaga, eka nta n’ikinyobwa bazohabwa ngo bice inyota;
إِلَّا حَمِيمٗا وَغَسَّاقٗا ﴿25﴾إِلَّا حَمِيمٗا وَغَسَّاقٗا
Transliteration: Illa hameeman waghassaqan
Translation: Atari amazi yasebuye akaryimara, urwuya hamwe n’amashira bitemba biva mu mibiri y’abantu bo mu muriro udahera.
جَزَآءٗ وِفَاقًا ﴿26﴾جَزَآءٗ وِفَاقًا
Transliteration: Jazaan wifaqan
Translation: Iyo, ni yo mpembo ikwiranye n’ivyo bakoze.
إِنَّهُمۡ كَانُواْ لَا يَرۡجُونَ حِسَابٗا ﴿27﴾إِنَّهُمۡ كَانُواْ لَا يَرۡجُونَ حِسَابٗا
Transliteration: Innahum kanoo la yarjoona hisaban
Translation: Mu vy’ukuri, ntibigeze batinya umusi w’iharurirwa ngo bawitegurire;
وَكَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَا كِذَّابٗا ﴿28﴾وَكَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَا كِذَّابٗا
Transliteration: Wakaththaboo biayatina kiththaban
Translation: Baraheza barahakana bivuye inyuma Aayah zacu Twebwe Allah, Twarungikanye Intumwa.
وَكُلَّ شَيۡءٍ أَحۡصَيۡنَٰهُ كِتَٰبٗا ﴿29﴾وَكُلَّ شَيۡءٍ أَحۡصَيۡنَٰهُ كِتَٰبٗا
Transliteration: Wakulla shayin ahsaynahu kitaban
Translation: Ibintu vyose rero, Twarabibungabunze mu kuvyandika mu Gitabu nyezina canditswemwo ivyagezwe n’ishirwa mu ngiro ryavyo “Lawhu Mahfuudhw”.
فَذُوقُواْ فَلَن نَّزِيدَكُمۡ إِلَّا عَذَابًا ﴿30﴾فَذُوقُواْ فَلَن نَّزِيدَكُمۡ إِلَّا عَذَابًا
Transliteration: Fathooqoo falan nazeedakum illa AAathaban
Translation: Kubera ivyo rero bagarariji, nimwumvirize indishi y’ivyo mwakoze. Nta n’ico Tuzobongererako atari ibihano ku bindi.
إِنَّ لِلۡمُتَّقِينَ مَفَازًا ﴿31﴾إِنَّ لِلۡمُتَّقِينَ مَفَازًا
Transliteration: Inna lilmuttaqeena mafazan
Translation: Mu vy’ukuri, abatinya ibihano vy'Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, bazoronka intsinzi y’Ubwami bw’ijuru;
حَدَآئِقَ وَأَعۡنَٰبٗا ﴿32﴾حَدَآئِقَ وَأَعۡنَٰبٗا
Transliteration: Hadaiqa waaAAnaban
Translation: Bazoronkamwo imirima itotahaye hamwe n’imizabibu;
وَكَوَاعِبَ أَتۡرَابٗا ﴿33﴾وَكَوَاعِبَ أَتۡرَابٗا
Transliteration: WakawaAAiba atraban
Translation: N’inkumi zigishinze amabere, ziri mu runganwe rumwe;
وَكَأۡسٗا دِهَاقٗا ﴿34﴾وَكَأۡسٗا دِهَاقٗا
Transliteration: Wakasan dihaqan
Translation: N’ibirahuri vyuzuye inzoga zitaboreza.
لَّا يَسۡمَعُونَ فِيهَا لَغۡوٗا وَلَا كِذَّـٰبٗا ﴿35﴾لَّا يَسۡمَعُونَ فِيهَا لَغۡوٗا وَلَا كِذَّـٰبٗا
Transliteration: La yasmaAAoona feeha laghwan wala kiththaban
Translation: Muri ubwo Bwami bw’ijuru, ntibazokwigera bumvamwo amajambo y’imburakimazi, eka ntibazonabeshuzanya.
جَزَآءٗ مِّن رَّبِّكَ عَطَآءً حِسَابٗا ﴿36﴾جَزَآءٗ مِّن رَّبِّكَ عَطَآءً حِسَابٗا
Transliteration: Jazaan min rabbika AAataan hisaban
Translation: Ivyo vyose rero, ni impembo ivuye ku Mana yawe Rurema Allah, impembo ikwiye ibereye;
رَّبِّ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَمَا بَيۡنَهُمَا ٱلرَّحۡمَٰنِۖ لَا يَمۡلِكُونَ مِنۡهُ خِطَابٗا ﴿37﴾رَّبِّ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَمَا بَيۡنَهُمَا ٱلرَّحۡمَٰنِۖ لَا يَمۡلِكُونَ مِنۡهُ خِطَابٗا
Transliteration: Rabbi alssamawati waalardi wama baynahuma alrrahmani la yamlikoona minhu khitaban
Translation: Ni impembo ivuye ku Mana Allah, Mubungabunzi w’amajuru n’isi hamwe n’ibiri hagati yavyo, Nyenimpuhwe ku biremwa. Ntibazoshobora kugira ico bayibajije, kiretse ku vyo Itanzeko uburenganzira;
يَوۡمَ يَقُومُ ٱلرُّوحُ وَٱلۡمَلَـٰٓئِكَةُ صَفّٗاۖ لَّا يَتَكَلَّمُونَ إِلَّا مَنۡ أَذِنَ لَهُ ٱلرَّحۡمَٰنُ وَقَالَ صَوَابٗا ﴿38﴾يَوۡمَ يَقُومُ ٱلرُّوحُ وَٱلۡمَلَـٰٓئِكَةُ صَفّٗاۖ لَّا يَتَكَلَّمُونَ إِلَّا مَنۡ أَذِنَ لَهُ ٱلرَّحۡمَٰنُ وَقَالَ صَوَابٗا
Transliteration: Yawma yaqoomu alrroohu waalmalaikatu saffan la yatakallamoona illa man athina lahu alrrahmanu waqala sawaban
Translation: Ku musi Mutimamweranda Jibrili (nyakugira amahoro y’Imana Allah) hamwe n’abandi bamalayika bazotonda ku murongo, nta n’umwe bazovugira, kiretse uwuzohabwa na Nyenimpuhwe Allah uburenganzira bwo kuvugirwa, agaheza akavuga ibitomoye.
ذَٰلِكَ ٱلۡيَوۡمُ ٱلۡحَقُّۖ فَمَن شَآءَ ٱتَّخَذَ إِلَىٰ رَبِّهِۦ مَـَٔابًا ﴿39﴾ذَٰلِكَ ٱلۡيَوۡمُ ٱلۡحَقُّۖ فَمَن شَآءَ ٱتَّخَذَ إِلَىٰ رَبِّهِۦ مَـَٔابًا
Transliteration: Thalika alyawmu alhaqqu faman shaa ittakhatha ila rabbihi maaban
Translation: Uwo ni wo musi w’ukuri, ata makenga ko uzoshika. Uwushaka gukira intureka zawo rero, nakurikire inzira y’ibikorwa vyiza, imushikana ku Mana yiwe Rurema Allah.
إِنَّآ أَنذَرۡنَٰكُمۡ عَذَابٗا قَرِيبٗا يَوۡمَ يَنظُرُ ٱلۡمَرۡءُ مَا قَدَّمَتۡ يَدَاهُ وَيَقُولُ ٱلۡكَافِرُ يَٰلَيۡتَنِي كُنتُ تُرَٰبَۢا ﴿40﴾إِنَّآ أَنذَرۡنَٰكُمۡ عَذَابٗا قَرِيبٗا يَوۡمَ يَنظُرُ ٱلۡمَرۡءُ مَا قَدَّمَتۡ يَدَاهُ وَيَقُولُ ٱلۡكَافِرُ يَٰلَيۡتَنِي كُنتُ تُرَٰبَۢا
Transliteration: Inna antharnakum AAathaban qareeban yawma yanthuru almaro ma qaddamat yadahu wayaqoolu alkafiru ya laytanee kuntu turaban
Translation: Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twarabagabishije ku bihano biri hafi gushika. Umusi umuntu azobona ivyakozwe n’amaboko yiwe, vyaba ivyiza canke ibibi, maze umugarariji agashoka avuga ati: “Yoo! Amagorwa arama yemwe! Iyo nari gupfuma nibera ivu, simpeze ngo nzuke”.
Transliteration source: English Transliteration by Tanzil. Used under Tanzil's non-commercial terms; see the source and latest updates at Tanzil. Tanzil translation download