quranm◉

Surah Al-Mutaffifin transliteration

◉ Sura · ∞

83:1

وَيۡلٞ لِّلۡمُطَفِّفِينَ ﴿1﴾

Transliteration: Waylun lilmutaffifeena

Translation: Uguhanwa nya guhanwa, ni ukw’abazirika umunzani n’abadakwiza ingero (igipimo);

83:2

ٱلَّذِينَ إِذَا ٱكۡتَالُواْ عَلَى ٱلنَّاسِ يَسۡتَوۡفُونَ ﴿2﴾

Transliteration: Allatheena itha iktaloo AAala alnnasi yastawfoona

Translation: Abitwararika gukwirizwa ku munzani n’ingero mu gihe bapimiwe n’abandi bantu.

83:3

وَإِذَا كَالُوهُمۡ أَو وَّزَنُوهُمۡ يُخۡسِرُونَ ﴿3﴾

Transliteration: Waitha kaloohum aw wazanoohum yukhsiroona

Translation: Iyo naho bapimiye abandi bantu ku ngero canke ku munzani, ntibakwiza urugero.

83:4

أَلَا يَظُنُّ أُوْلَـٰٓئِكَ أَنَّهُم مَّبۡعُوثُونَ ﴿4﴾

Transliteration: Ala yathunnu olaika annahum mabAAoothoona

Translation: Mbega, ntibazi ko bazozurwa bakanahemberwa ivyo bakoze!

83:5

لِيَوۡمٍ عَظِيمٖ ﴿5﴾

Transliteration: Liyawmin AAatheemin

Translation: Ku musi w’intureka zihambaye.

83:6

يَوۡمَ يَقُومُ ٱلنَّاسُ لِرَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ ﴿6﴾

Transliteration: Yawma yaqoomu alnnasu lirabbi alAAalameena

Translation: Umusi abantu bose bazohagarara imbere y’Imana yabo Rurema Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose, kugira Ibahembere ivyo bakoze vyose.

83:7

كَلَّآ إِنَّ كِتَٰبَ ٱلۡفُجَّارِ لَفِي سِجِّينٖ ﴿7﴾

Transliteration: Kalla inna kitaba alfujjari lafee sijjeenin

Translation: Nibateshwe bate, barahumba! Mu vy’ukuri, ubushikiro bw’inkozi z’ikibi ni mu kaga “Sijjiini”.

83:8

وَمَآ أَدۡرَىٰكَ مَا سِجِّينٞ ﴿8﴾

Transliteration: Wama adraka ma sijjeenun

Translation: Mbega, ni igiki cokumenyesha akaga “Sijjiini” ico ari co?

83:9

كِتَٰبٞ مَّرۡقُومٞ ﴿9﴾

Transliteration: Kitabun marqoomun

Translation: Ni ibihano bibabaza vy’akataraboneka bategekanirijwe, vyanditswe mu buryo ata kwihenda kurimwo.

83:10

وَيۡلٞ يَوۡمَئِذٖ لِّلۡمُكَذِّبِينَ ﴿10﴾

Transliteration: Waylun yawmaithin lilmukaththibeena

Translation: Uguhanwa nya guhanwa, ni ukw’abahakanyi;

83:11

ٱلَّذِينَ يُكَذِّبُونَ بِيَوۡمِ ٱلدِّينِ ﴿11﴾

Transliteration: Allatheena yukaththiboona biyawmi alddeeni

Translation: Bahakana bivuye inyuma ko hari umusi w’impera.

83:12

وَمَا يُكَذِّبُ بِهِۦٓ إِلَّا كُلُّ مُعۡتَدٍ أَثِيمٍ ﴿12﴾

Transliteration: Wama yukaththibu bihi illa kullu muAAtadin atheemin

Translation: Nta wuhakana uwo musi atari uwimonogoje mu buhakanyi, umunyavyaha ruhebwa;

83:13

إِذَا تُتۡلَىٰ عَلَيۡهِ ءَايَٰتُنَا قَالَ أَسَٰطِيرُ ٱلۡأَوَّلِينَ ﴿13﴾

Transliteration: Itha tutla AAalayhi ayatuna qala asateeru alawwaleena

Translation: Iyo asomewe Aayah zacu za Qo’rani, aca avuga ati: “Ivyo, ni imigani n'ibitito vy’ab'aho hambere”.

83:14

كَلَّاۖ بَلۡۜ رَانَ عَلَىٰ قُلُوبِهِم مَّا كَانُواْ يَكۡسِبُونَ ﴿14﴾

Transliteration: Kalla bal rana AAala quloobihim ma kanoo yaksiboona

Translation: Nibateshwe bate, barahumba! Ahubwo ni amajambo y’Imana Allah Yahishuriye Intumwa yayo. Bananiwe kwemera Qor’ani, kuko imitima yabo yaguye ingese, itewe n’ibicumuro bakoze.

83:15

كَلَّآ إِنَّهُمۡ عَن رَّبِّهِمۡ يَوۡمَئِذٖ لَّمَحۡجُوبُونَ ﴿15﴾

Transliteration: Kalla innahum AAan rabbihim yawmaithin lamahjooboona

Translation: Nibateshwe bate, barahumba! Ahubwo mu vy’ukuri, abahakanyi kuri uwo musi w’izuka, bazobuzwa kubona Imana yabo Rurema Allah[1];

83:16

ثُمَّ إِنَّهُمۡ لَصَالُواْ ٱلۡجَحِيمِ ﴿16﴾

Transliteration: Thumma innahum lasaloo aljaheemi

Translation: Hanyuma binjire mu muriro ururumba, bawote;

83:17

ثُمَّ يُقَالُ هَٰذَا ٱلَّذِي كُنتُم بِهِۦ تُكَذِّبُونَ ﴿17﴾

Transliteration: Thumma yuqalu hatha allathee kuntum bihi tukaththiboona

Translation: Hanyuma babwirwe n’abamalayika bawucungereye bati: “Ibi, ni vya bihano mwahora muhakana mwivuye inyuma”.

83:18

كَلَّآ إِنَّ كِتَٰبَ ٱلۡأَبۡرَارِ لَفِي عِلِّيِّينَ ﴿18﴾

Transliteration: Kalla inna kitaba alabrari lafee AAilliyyeena

Translation: Emwe! Nibateshwe bate barahumba! Mu vy’ukuri, ivyanditswe ku beranda biri ku rwego ruhanitse “Illiyyiina” mu Bwami bw’ijuru.

83:19

وَمَآ أَدۡرَىٰكَ مَا عِلِّيُّونَ ﴿19﴾

Transliteration: Wama adraka ma AAilliyyoona

Translation: Mbega, ni igiki cokumenyesha urwego ruhanitse “Illiyyiina” ico ari co!

83:20

كِتَٰبٞ مَّرۡقُومٞ ﴿20﴾

Transliteration: Kitabun marqoomun

Translation: Ni ivyagenewe aberanda, vyanditswe mu buryo ata kwihenda kurimwo;

83:21

يَشۡهَدُهُ ٱلۡمُقَرَّبُونَ ﴿21﴾

Transliteration: Yashhaduhu almuqarraboona

Translation: Bibonwa n’abamalayika b’abishikira.

83:22

إِنَّ ٱلۡأَبۡرَارَ لَفِي نَعِيمٍ ﴿22﴾

Transliteration: Inna alabrara lafee naAAeemin

Translation: Mu vy’ukuri aberanda, bazoba bari mu nema z’Ubwami bw’ijuru;

83:23

عَلَى ٱلۡأَرَآئِكِ يَنظُرُونَ ﴿23﴾

Transliteration: AAala alaraiki yanthuroona

Translation: Bicaye ku bitanda bisharije vy'iteka biteye igomwe, baraba Imana yabo Allah hamwe n’ingabirano n’ivyiza bahawe;

83:24

تَعۡرِفُ فِي وُجُوهِهِمۡ نَضۡرَةَ ٱلنَّعِيمِ ﴿24﴾

Transliteration: TaAArifu fee wujoohihim nadrata alnnaAAeemi

Translation: Uzobona basayangana mu maso kubera akamwemwe ku kandi gatewe n’inema z’Imana Allah;

83:25

يُسۡقَوۡنَ مِن رَّحِيقٖ مَّخۡتُومٍ ﴿25﴾

Transliteration: Yusqawna min raheeqin makhtoomin

Translation: Bazoherezwa inzoga zitaboreza, zipfundikiye neza zitwararitswe.

83:26

خِتَٰمُهُۥ مِسۡكٞۚ وَفِي ذَٰلِكَ فَلۡيَتَنَافَسِ ٱلۡمُتَنَٰفِسُونَ ﴿26﴾

Transliteration: Khitamuhu miskun wafee thalika falyatanafasi almutanafisoona

Translation: Uwuhejeje kunywa kuri nya nzoga, mu kanwa hasigara akamoto ka “Miski”. Mu gutsindira izo nema rero, nibarushanwe abarushanwa.

83:27

وَمِزَاجُهُۥ مِن تَسۡنِيمٍ ﴿27﴾

Transliteration: Wamizajuhu min tasneemin

Translation: Iyo nzoga yengeshejwe amazi ya “Tasniim”;

83:28

عَيۡنٗا يَشۡرَبُ بِهَا ٱلۡمُقَرَّبُونَ ﴿28﴾

Transliteration: AAaynan yashrabu biha almuqarraboona

Translation: Ni iriba, abatoni b’Imana Allah bazonywako.

83:29

إِنَّ ٱلَّذِينَ أَجۡرَمُواْ كَانُواْ مِنَ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ يَضۡحَكُونَ ﴿29﴾

Transliteration: Inna allatheena ajramoo kanoo mina allatheena amanoo yadhakoona

Translation: Mu vy’ukuri abahakanye Imana Allah, bahora batwenga abemeramana bakiri kw’isi;

83:30

وَإِذَا مَرُّواْ بِهِمۡ يَتَغَامَزُونَ ﴿30﴾

Transliteration: Waitha marroo bihim yataghamazoona

Translation: Mu gihe babarenganye, bavunanira urugohe ku gasuzuguro;

83:31

وَإِذَا ٱنقَلَبُوٓاْ إِلَىٰٓ أَهۡلِهِمُ ٱنقَلَبُواْ فَكِهِينَ ﴿31﴾

Transliteration: Waitha inqalaboo ila ahlihimu inqalaboo fakiheena

Translation: Mu gihe naho batashe mu miryango yabo, bagataha baryohewe batera inkuru z’ukuntu basuzuguye abemeramana;

83:32

وَإِذَا رَأَوۡهُمۡ قَالُوٓاْ إِنَّ هَـٰٓؤُلَآءِ لَضَآلُّونَ ﴿32﴾

Transliteration: Waitha raawhum qaloo inna haolai ladalloona

Translation: Iyo naho babonye ingendanyi zamaze kwemera Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), bavuga bati: “Mu vy’ukuri, abo ni bo bahuvye, bari mu muzimiza”.

83:33

وَمَآ أُرۡسِلُواْ عَلَيۡهِمۡ حَٰفِظِينَ ﴿33﴾

Transliteration: Wama orsiloo AAalayhim hafitheena

Translation: Kanatsinda, ntibatumwe kugira ngo bazicungere.

83:34

فَٱلۡيَوۡمَ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ مِنَ ٱلۡكُفَّارِ يَضۡحَكُونَ ﴿34﴾

Transliteration: Faalyawma allatheena amanoo mina alkuffari yadhakoona

Translation: Uno musi w’izuka rero, abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, baratwenga abagararije basuzuguritse mu bihano;

83:35

عَلَى ٱلۡأَرَآئِكِ يَنظُرُونَ ﴿35﴾

Transliteration: AAala alaraiki yanthuroona

Translation: Abemeramana bazoba bicaye ku bitanda vy'iteka bisharije biteye igomwe, baraba Imana yabo Allah hamwe n’ingabirano n’ivyiza bahawe;

83:36

هَلۡ ثُوِّبَ ٱلۡكُفَّارُ مَا كَانُواْ يَفۡعَلُونَ ﴿36﴾

Transliteration: Hal thuwwiba alkuffaru ma kanoo yafAAaloona

Translation: Bazovuga bati: “Mbega yemwe! Abagarariji boba bahembewe ivyo bari barakoze kw’isi?”.

Transliteration source: English Transliteration by Tanzil. Used under Tanzil's non-commercial terms; see the source and latest updates at Tanzil. Tanzil translation download