quranm◉

Surah Al-Inshiqaq transliteration

◉ Sura · ∞

84:1

إِذَا ٱلسَّمَآءُ ٱنشَقَّتۡ ﴿1﴾

Transliteration: Itha alssamao inshaqqat

Translation: Igihe ijuru ryasadutse rigatabuka ku musi w’umuhero w’isi;

84:2

وَأَذِنَتۡ لِرَبِّهَا وَحُقَّتۡ ﴿2﴾

Transliteration: Waathinat lirabbiha wahuqqat

Translation: Rikumvira Imana yaryo Rurema Allah, kandi ritegerezwa nta kibuza;

84:3

وَإِذَا ٱلۡأَرۡضُ مُدَّتۡ ﴿3﴾

Transliteration: Waitha alardu muddat

Translation: Igihe n’isi yasanjwe;

84:4

وَأَلۡقَتۡ مَا فِيهَا وَتَخَلَّتۡ ﴿4﴾

Transliteration: Waalqat ma feeha watakhallat

Translation: Igasohora abantu n’ubutare biri muri yo, igasigara igaragara;

84:5

وَأَذِنَتۡ لِرَبِّهَا وَحُقَّتۡ ﴿5﴾

Transliteration: Waathinat lirabbiha wahuqqat

Translation: Ikumvira Imana yayo Rurema Allah, kandi itegerezwa nta kibuza.

84:6

يَـٰٓأَيُّهَا ٱلۡإِنسَٰنُ إِنَّكَ كَادِحٌ إِلَىٰ رَبِّكَ كَدۡحٗا فَمُلَٰقِيهِ ﴿6﴾

Transliteration: Ya ayyuha alinsanu innaka kadihun ila rabbika kadhan famulaqeehi

Translation: Ewe muntu! Mu vy’ukuri wewe, ugana ku Mana Allah, ukita ku rutare mu bikorwa, vyaba vyiza canke bibi, kugeza aho uzohura n’Imana yawe Rurema Allah Ikabiguhembera.

84:7

فَأَمَّا مَنۡ أُوتِيَ كِتَٰبَهُۥ بِيَمِينِهِۦ ﴿7﴾

Transliteration: Faama man ootiya kitabahu biyameenihi

Translation: Uwo wese rero azohabwa igitabu c’ibikorwa vyiwe mu kuboko kwiwe kw’iburyo;

84:8

فَسَوۡفَ يُحَاسَبُ حِسَابٗا يَسِيرٗا ﴿8﴾

Transliteration: Fasawfa yuhasabu hisaban yaseeran

Translation: Uyo, ni we azoharurirwa ibiharuro vyoroshe;

84:9

وَيَنقَلِبُ إِلَىٰٓ أَهۡلِهِۦ مَسۡرُورٗا ﴿9﴾

Transliteration: Wayanqalibu ila ahlihi masrooran

Translation: Maze agasubira mu bantu biwe mu Bwami bw’ijuru akanyamuneza kamusya.

84:10

وَأَمَّا مَنۡ أُوتِيَ كِتَٰبَهُۥ وَرَآءَ ظَهۡرِهِۦ ﴿10﴾

Transliteration: Waamma man ootiya kitabahu waraa thahrihi

Translation: Nayo uwuzohabwa igitabu c’ibikorwa vyiwe inyuma y’umugongo wiwe;

84:11

فَسَوۡفَ يَدۡعُواْ ثُبُورٗا ﴿11﴾

Transliteration: Fasawfa yadAAoo thubooran

Translation: Uyo rero, azoheza yisabire urupfu;

84:12

وَيَصۡلَىٰ سَعِيرًا ﴿12﴾

Transliteration: Wayasla saAAeeran

Translation: Yinjire no mu muriro wama wegenyejwe;

84:13

إِنَّهُۥ كَانَ فِيٓ أَهۡلِهِۦ مَسۡرُورًا ﴿13﴾

Transliteration: Innahu kana fee ahlihi masrooran

Translation: Kuko mu vy’ukuri, yahorana akanyamuneza mu muryango wiwe akiri kw’isi, nta co yategekanirije uyu musi.

84:14

إِنَّهُۥ ظَنَّ أَن لَّن يَحُورَ ﴿14﴾

Transliteration: Innahu thanna an lan yahoora

Translation: Mu vy’ukuri, yibaza ko atazosubira ku Mana yiwe Allah ngo Imuharurire.

84:15

بَلَىٰٓۚ إِنَّ رَبَّهُۥ كَانَ بِهِۦ بَصِيرٗا ﴿15﴾

Transliteration: Bala inna rabbahu kana bihi baseeran

Translation: Yobuzwa n’iki gusubira ku Mana Allah! Mu vy’ukuri Imana yiwe Rurema Allah, Yamye ari Nyenukubona, Yaramubona we n’ivyo yakora.

84:16

فَلَآ أُقۡسِمُ بِٱلشَّفَقِ ﴿16﴾

Transliteration: Fala oqsimu bialshshafaqi

Translation: Jewe Allah, Ndarahiye ku bicu bitukura bugorovye!

84:17

وَٱلَّيۡلِ وَمَا وَسَقَ ﴿17﴾

Transliteration: Waallayli wama wasaqa

Translation: No kw’ijoro n’ivyo rinyegeje!

84:18

وَٱلۡقَمَرِ إِذَا ٱتَّسَقَ ﴿18﴾

Transliteration: Waalqamari itha ittasaqa

Translation: No ku kwezi iyo gukwijije umuco mu mfato!

84:19

لَتَرۡكَبُنَّ طَبَقًا عَن طَبَقٖ ﴿19﴾

Transliteration: Latarkabunna tabaqan AAan tabaqin

Translation: Bantu! Ni ukuri muzohura n’ibihe bigoye bisumbasumbana[726].

84:20

فَمَا لَهُمۡ لَا يُؤۡمِنُونَ ﴿20﴾

Transliteration: Fama lahum la yuminoona

Translation: Mbega, abantu babuzwa n’iki kwemera Imana Allah n’umusi w’iherezo, kandi basomerwa Aayah za Qor’ani zitomoye!

84:21

وَإِذَا قُرِئَ عَلَيۡهِمُ ٱلۡقُرۡءَانُ لَا يَسۡجُدُونَۤ۩ ﴿21﴾

Transliteration: Waitha quria AAalayhimu alquranu la yasjudoona

Translation: N’iyo basomewe Qor’ani, ntibubamira Imana Allah ngo bemere amabwirizwa yayo.

84:22

بَلِ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ يُكَذِّبُونَ ﴿22﴾

Transliteration: Bali allatheena kafaroo yukaththiboona

Translation: Ahubwo abagararije bahakana Qor’ani bivuye inyuma, izuka n’iharurirwa ry’ibiremwa.

84:23

وَٱللَّهُ أَعۡلَمُ بِمَا يُوعُونَ ﴿23﴾

Transliteration: WaAllahu aAAlamu bima yooAAoona

Translation: Burya Imana Allah, ni Yo Izi neza ivyo bahishije mu mishaha yabo.

84:24

فَبَشِّرۡهُم بِعَذَابٍ أَلِيمٍ ﴿24﴾

Transliteration: Fabashshirhum biAAathabin aleemin

Translation: Ntumwa y’Imana! Bashikirize rero inkuru y'incamugongo yo guhabwa ibihano bibabaza.

84:25

إِلَّا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّـٰلِحَٰتِ لَهُمۡ أَجۡرٌ غَيۡرُ مَمۡنُونِۭ ﴿25﴾

Transliteration: Illa allatheena amanoo waAAamiloo alssalihati lahum ajrun ghayru mamnoonin

Translation: Ariko abantu bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakanakora n'ivyiza bitegetswe, barafise impembo idahera bagenewe mu buzima bw’inyuma yo gupfa.

Transliteration source: English Transliteration by Tanzil. Used under Tanzil's non-commercial terms; see the source and latest updates at Tanzil. Tanzil translation download