quranm◉

Surah Al-A'la transliteration

◉ Sura · ∞

87:1

سَبِّحِ ٱسۡمَ رَبِّكَ ٱلۡأَعۡلَى ﴿1﴾

Transliteration: Sabbihi isma rabbika alaAAla

Translation: Ninahaza izina ry’Imana yawe Rurema Allah, Nyenicubahiro-ntangere (uvuge uti: “Sub-haana Rabbiya l-A’laa”).

87:2

ٱلَّذِي خَلَقَ فَسَوَّىٰ ﴿2﴾

Transliteration: Allathee khalaqa fasawwa

Translation: Yararemye ibiremwa, maze Iraringaniza indemo yavyo n’ibihimba; kimwe cose aho kigenewe, kibereye;

87:3

وَٱلَّذِي قَدَّرَ فَهَدَىٰ ﴿3﴾

Transliteration: Waallathee qaddara fahada

Translation: Iraheza Irategekanya ivya nkenerwa vyose ku biremwa, Iranigisha kimwe cose ukuntu kivyikorako;

87:4

وَٱلَّذِيٓ أَخۡرَجَ ٱلۡمَرۡعَىٰ ﴿4﴾

Transliteration: Waallathee akhraja almarAAa

Translation: Iranagisha n’uburagiro (ubwatsi);

87:5

فَجَعَلَهُۥ غُثَآءً أَحۡوَىٰ ﴿5﴾

Transliteration: FajaAAalahu ghuthaan ahwa

Translation: Hanyuma Irabukavya, busa n’urwatsi rutoto ruja kwirabura.

87:6

سَنُقۡرِئُكَ فَلَا تَنسَىٰٓ ﴿6﴾

Transliteration: Sanuqrioka fala tansa

Translation: Ntumwa y’Imana! Twebwe Allah, Tuzokwigisha Qor’ani, ntuzoyibagira namba;

87:7

إِلَّا مَا شَآءَ ٱللَّهُۚ إِنَّهُۥ يَعۡلَمُ ٱلۡجَهۡرَ وَمَا يَخۡفَىٰ ﴿7﴾

Transliteration: Illa ma shaa Allahu innahu yaAAlamu aljahra wama yakhfa

Translation: Kiretse ico Imana Allah Ishatse ko wibagira ku neza y’ibiremwa. Mu vy’ukuri, ni Yo Izi ibigaragara mu bikorwa no mu majambo n’ibinyegeje muri vyo.

87:8

وَنُيَسِّرُكَ لِلۡيُسۡرَىٰ ﴿8﴾

Transliteration: Wanuyassiruka lilyusra

Translation: Tuzokworohereza gukora ivyoroshe; nko kwihanganira ishikirizabutumwa no kworoherezwa amabwirizwa y’idini.

87:9

فَذَكِّرۡ إِن نَّفَعَتِ ٱلذِّكۡرَىٰ ﴿9﴾

Transliteration: Fathakkir in nafaAAati alththikra

Translation: Kubera ivyo rero, ibutsa abantu bawe warungitsweko gutumbera inzira igororotse, na canecane kwibutsa uwitezwe ko yibuka, nya kwibuka kukamugirira akamaro;

87:10

سَيَذَّكَّرُ مَن يَخۡشَىٰ ﴿10﴾

Transliteration: Sayaththakkaru man yakhsha

Translation: Hazokwibuka uwutinya ibihano vy'Imana Allah.

87:11

وَيَتَجَنَّبُهَا ٱلۡأَشۡقَى ﴿11﴾

Transliteration: Wayatajannabuha alashqa

Translation: Uwaseserejwe n’ivyaha na we, azoheza yigire kure y’urwo rwibutso;

87:12

ٱلَّذِي يَصۡلَى ٱلنَّارَ ٱلۡكُبۡرَىٰ ﴿12﴾

Transliteration: Allathee yasla alnnara alkubra

Translation: Ari na we azokwinjira mu muriro udahera ukaze bihambaye;

87:13

ثُمَّ لَا يَمُوتُ فِيهَا وَلَا يَحۡيَىٰ ﴿13﴾

Transliteration: Thumma la yamootu feeha wala yahya

Translation: Hanyuma ntazopfa muri wo ngo awuruhuke, eka ntazonawugiriramwo ubuzima buhimbaye.

87:14

قَدۡ أَفۡلَحَ مَن تَزَكَّىٰ ﴿14﴾

Transliteration: Qad aflaha man tazakka

Translation: Mu vy’ukuri yaramaze gutsinda, umuntu yiyejeje amabi;

87:15

وَذَكَرَ ٱسۡمَ رَبِّهِۦ فَصَلَّىٰ ﴿15﴾

Transliteration: Wathakara isma rabbihi fasalla

Translation: Akaninahaza n’izina ry’Imana yiwe Rurema Allah, maze agasenga amasengesho-bwirizwa ku mwanya, arondera gushimwa na Yo.

87:16

بَلۡ تُؤۡثِرُونَ ٱلۡحَيَوٰةَ ٱلدُّنۡيَا ﴿16﴾

Transliteration: Bal tuthiroona alhayata alddunya

Translation: Bantu! Ahubwo rero, mushira imbere kurusha ubuzima bw’ibihendamaso vyo kw’isi;

87:17

وَٱلۡأٓخِرَةُ خَيۡرٞ وَأَبۡقَىٰٓ ﴿17﴾

Transliteration: Waalakhiratu khayrun waabqa

Translation: Kandi ubuzima bw’inyuma yo gupfa, ari bwo bwiza gusumba, kandi bwamaho.

87:18

إِنَّ هَٰذَا لَفِي ٱلصُّحُفِ ٱلۡأُولَىٰ ﴿18﴾

Transliteration: Inna hatha lafee alssuhufi aloola

Translation: Mu vy’ukuri, ivyo vyose mwadondaguriwe muri iki gisomwa, biri no mu Bitabu vy’aho hambere ya Qor’ani;

87:19

صُحُفِ إِبۡرَٰهِيمَ وَمُوسَىٰ ﴿19﴾

Transliteration: Suhufi ibraheema wamoosa

Translation: Mu Mizingo y’Intumwa z’Imana Ibrahimu na Musa (za nyakugira amahoro y’Imana Allah).

Transliteration source: English Transliteration by Tanzil. Used under Tanzil's non-commercial terms; see the source and latest updates at Tanzil. Tanzil translation download