quranm◉

Surah Ash-Shams transliteration

◉ Sura · ∞

91:1

وَٱلشَّمۡسِ وَضُحَىٰهَا ﴿1﴾

Transliteration: Waalshshamsi waduhaha

Translation: Jewe Allah, Ndarahiye ku zuba no ku muco waryo mu gitondo!

91:2

وَٱلۡقَمَرِ إِذَا تَلَىٰهَا ﴿2﴾

Transliteration: Waalqamari itha talaha

Translation: No ku kwezi iyo gukurikiye izuba rirenze n’iyo riserutse!

91:3

وَٱلنَّهَارِ إِذَا جَلَّىٰهَا ﴿3﴾

Transliteration: Waalnnahari itha jallaha

Translation: No ku murango iyo hakeye, umwijima w’ijoro ugaherengetera!

91:4

وَٱلَّيۡلِ إِذَا يَغۡشَىٰهَا ﴿4﴾

Transliteration: Waallayli itha yaghshaha

Translation: No kw’ijoro iyo ripfutse isi hakijima!

91:5

وَٱلسَّمَآءِ وَمَا بَنَىٰهَا ﴿5﴾

Transliteration: Waalssamai wama banaha

Translation: No kw’ijuru n’ukuntu ryubatse!

91:6

وَٱلۡأَرۡضِ وَمَا طَحَىٰهَا ﴿6﴾

Transliteration: Waalardi wama tahaha

Translation: No kw’isi n’ukuntu ishashe, kugira ibiremwa bishobore kuyibako!

91:7

وَنَفۡسٖ وَمَا سَوَّىٰهَا ﴿7﴾

Transliteration: Wanafsin wama sawwaha

Translation: No ku mushaha w’ikiremwa ico ari co cose n’ukuntu watunganijwe n’Imana Allah!

91:8

فَأَلۡهَمَهَا فُجُورَهَا وَتَقۡوَىٰهَا ﴿8﴾

Transliteration: Faalhamaha fujooraha wataqwaha

Translation: Igaheza Ikawumenyesha mu kuwutomorera inzira y’inabi n’iy’ineza!

91:9

قَدۡ أَفۡلَحَ مَن زَكَّىٰهَا ﴿9﴾

Transliteration: Qad aflaha man zakkaha

Translation: Ni ukuri yaratsinze, uwejeje umushaha agakora ivyiza.

91:10

وَقَدۡ خَابَ مَن دَسَّىٰهَا ﴿10﴾

Transliteration: Waqad khaba man dassaha

Translation: Kandi ni ukuri yarahomvye ubuzima bwiwe, uwasibije umushaha agakora ivyaha.

91:11

كَذَّبَتۡ ثَمُودُ بِطَغۡوَىٰهَآ ﴿11﴾

Transliteration: Kaththabat thamoodu bitaghwaha

Translation: Bene Thamuudi barahakanye Intumwa y’Imana Swalehe (nyakugira amahoro y’Imana Allah), kubera ukwimonogoza kwabo mu gukora ivyaha;

91:12

إِذِ ٱنۢبَعَثَ أَشۡقَىٰهَا ﴿12﴾

Transliteration: Ithi inbaAAatha ashqaha

Translation: Igihe hiyadukiza inkozi y’ikibi muri bo[1] kugira ice imitsi ingamiya;

91:13

فَقَالَ لَهُمۡ رَسُولُ ٱللَّهِ نَاقَةَ ٱللَّهِ وَسُقۡيَٰهَا ﴿13﴾

Transliteration: Faqala lahum rasoolu Allahi naqata Allahi wasuqyaha

Translation: Intumwa y’Imana Swalehe (nyakugira amahoro y’Imana Allah), iraheza ibabwira iti: “Mwoye gukomakoma ingamiya yarungitswe n’Imana Allah, mwiyubare kuyivogera ku musi wayo yagenewe gushoka kunywa”.

91:14

فَكَذَّبُوهُ فَعَقَرُوهَا فَدَمۡدَمَ عَلَيۡهِمۡ رَبُّهُم بِذَنۢبِهِمۡ فَسَوَّىٰهَا ﴿14﴾

Transliteration: Fakaththaboohu faAAaqarooha fadamdama AAalayhim rabbuhum bithanbihim fasawwaha

Translation: Maze barayigarariza batako baraca imitsi ya nya ngamiya. Imana yabo Rurema Allah Ica Irabahana, Irabahonya bose ata n’umwe arokotse, kubera ibicumuro vyabo.

91:15

وَلَا يَخَافُ عُقۡبَٰهَا ﴿15﴾

Transliteration: Wala yakhafu AAuqbaha

Translation: Kandi Imana Allah, ntitinya inkurikizi z’ibihano Yabahaye.

Transliteration source: English Transliteration by Tanzil. Used under Tanzil's non-commercial terms; see the source and latest updates at Tanzil. Tanzil translation download