quranm◉

Surah Al-'Alaq transliteration

◉ Sura · ∞

96:1

ٱقۡرَأۡ بِٱسۡمِ رَبِّكَ ٱلَّذِي خَلَقَ ﴿1﴾

Transliteration: Iqra biismi rabbika allathee khalaqa

Translation: Muvugishwamana! Soma ivyo wahishuriwe muri Qor’ani, maze utangure kw’izina ry’Imana yawe Allah Yaremye;

96:2

خَلَقَ ٱلۡإِنسَٰنَ مِنۡ عَلَقٍ ﴿2﴾

Transliteration: Khalaqa alinsana min AAalaqin

Translation: Yaremye zina kiremwa-muntu mu maraso avuze.

96:3

ٱقۡرَأۡ وَرَبُّكَ ٱلۡأَكۡرَمُ ﴿3﴾

Transliteration: Iqra warabbuka alakramu

Translation: Muvugishwamana! Soma ivyo wahishuriwe muri Qor’ani, wizeye ko Imana yawe Rurema Allah ari Yo Mugiraneza-ntangere;

96:4

ٱلَّذِي عَلَّمَ بِٱلۡقَلَمِ ﴿4﴾

Transliteration: Allathee AAallama bialqalami

Translation: Yigishije ibiremwa kwandika n’ikaramu;

96:5

عَلَّمَ ٱلۡإِنسَٰنَ مَا لَمۡ يَعۡلَمۡ ﴿5﴾

Transliteration: AAallama alinsana ma lam yaAAlam

Translation: Yigishije kiremwa-muntu ivyo kitari kizi, Iraheza Igikura mu muzimagiza w’ubujuju Igishira mu muco w’ubumenyi.

96:6

كَلَّآ إِنَّ ٱلۡإِنسَٰنَ لَيَطۡغَىٰٓ ﴿6﴾

Transliteration: Kalla inna alinsana layatgha

Translation: Si ivy’imbeshere ko umuntu yama yarenze ku mabwirizwa y’Imana Allah ku bwishime;

96:7

أَن رَّءَاهُ ٱسۡتَغۡنَىٰٓ ﴿7﴾

Transliteration: An raahu istaghna

Translation: Abitewe n'uko abonye yamaze kwikenura agatunga;

96:8

إِنَّ إِلَىٰ رَبِّكَ ٱلرُّجۡعَىٰٓ ﴿8﴾

Transliteration: Inna ila rabbika alrrujAAa

Translation: Mu vy’ukuri uburuhukiro bwiwe, ni ku Mana yawe Rurema Allah, Izomuhembera ivyo yakoze.

96:9

أَرَءَيۡتَ ٱلَّذِي يَنۡهَىٰ ﴿9﴾

Transliteration: Araayta allathee yanha

Translation: Mbega, warabonye igitangaje kurusha umuntu[1] aburabuza;

96:10

عَبۡدًا إِذَا صَلَّىٰٓ ﴿10﴾

Transliteration: AAabdan itha salla

Translation: Umuja[2] w’Imana Allah mu gihe ariko arasenga!

96:11

أَرَءَيۡتَ إِن كَانَ عَلَى ٱلۡهُدَىٰٓ ﴿11﴾

Transliteration: Araayta in kana AAala alhuda

Translation: Mbega, ubona gute mu gihe uyo aburabuzwa ugusenga, yoba ari mu nzira igororotse!

96:12

أَوۡ أَمَرَ بِٱلتَّقۡوَىٰٓ ﴿12﴾

Transliteration: Aw amara bialttaqwa

Translation: Canke akaba ariko arabwiriza gukora iciza c'igamburukiramana!

96:13

أَرَءَيۡتَ إِن كَذَّبَ وَتَوَلَّىٰٓ ﴿13﴾

Transliteration: Araayta in kaththaba watawalla

Translation: Mbega, ubona gute mu gihe uyo aburabuza ugusenga, yoba ahakana ubutumwa, akagenza umugongo yirengagiza ukwemera Allah!

96:14

أَلَمۡ يَعۡلَم بِأَنَّ ٱللَّهَ يَرَىٰ ﴿14﴾

Transliteration: Alam yaAAlam bianna Allaha yara

Translation: Mbega, ntazi neza ko Imana Allah Ibona ivyo akora!

96:15

كَلَّا لَئِن لَّمۡ يَنتَهِ لَنَسۡفَعَۢا بِٱلنَّاصِيَةِ ﴿15﴾

Transliteration: Kalla lain lam yantahi lanasfaAAan bialnnasiyati

Translation: Nateshwe ate, arahumba! Ni ukuri, ataretse kurwanya Intumwa, Tuzomufatira mu ruhanga, maze Tumujungunyire mu muriro;

96:16

نَاصِيَةٖ كَٰذِبَةٍ خَاطِئَةٖ ﴿16﴾

Transliteration: Nasiyatin kathibatin khatiatin

Translation: Uruhanga rw’umubeshi, umunyavyaha;

96:17

فَلۡيَدۡعُ نَادِيَهُۥ ﴿17﴾

Transliteration: FalyadAAu nadiyahu

Translation: Arahamagara rero abateramyi biwe baze bamutabare;

96:18

سَنَدۡعُ ٱلزَّبَانِيَةَ ﴿18﴾

Transliteration: SanadAAu alzzabaniyata

Translation: Na Twe Allah, Tuzoheza Duhamagare abamalayika b’ibihangange “Al-Zabaaniya”;

96:19

كَلَّا لَا تُطِعۡهُ وَٱسۡجُدۡۤ وَٱقۡتَرِب۩ ﴿19﴾

Transliteration: Kalla la tutiAAhu waosjud waiqtarib

Translation: Ntumwa y’Imana! Nateshwe ate, arahumba mu kwibaza ko azoguturatuza. Ntukamwumvire ngo ureke gusenga, tsimbatara ku kwubamira Imana Allah, uheze ubandanye uyiyegereze unikundwakaze kuri Yo.

Transliteration source: English Transliteration by Tanzil. Used under Tanzil's non-commercial terms; see the source and latest updates at Tanzil. Tanzil translation download