quranm◉

Surah Al-'Adiyat transliteration

◉ Sura · ∞

100:1

وَٱلۡعَٰدِيَٰتِ ضَبۡحٗا ﴿1﴾

Transliteration: WaalAAadiyati dabhan

Translation: Jewe Allah, Ndarahiye kw’ifarasi zirukanga zihezuka mu gutera umwansi ku rugamba rwo guharanira Imana Allah!

100:2

فَٱلۡمُورِيَٰتِ قَدۡحٗا ﴿2﴾

Transliteration: Faalmooriyati qadhan

Translation: N’iziruka ibinono bigacira amasase!

100:3

فَٱلۡمُغِيرَٰتِ صُبۡحٗا ﴿3﴾

Transliteration: Faalmugheerati subhan

Translation: N’izitera umwansi mu gitondo!

100:4

فَأَثَرۡنَ بِهِۦ نَقۡعٗا ﴿4﴾

Transliteration: Faatharna bihi naqAAan

Translation: Maze zigasura intumo mu kwiruka!

100:5

فَوَسَطۡنَ بِهِۦ جَمۡعًا ﴿5﴾

Transliteration: Fawasatna bihi jamAAan

Translation: Zigana hagati y’abansi!

100:6

إِنَّ ٱلۡإِنسَٰنَ لِرَبِّهِۦ لَكَنُودٞ ﴿6﴾

Transliteration: Inna alinsana lirabbihi lakanoodun

Translation: Mu vy’ukuri, umuntu ni intashima y’inema z’Imana yiwe Rurema Allah.

100:7

وَإِنَّهُۥ عَلَىٰ ذَٰلِكَ لَشَهِيدٞ ﴿7﴾

Transliteration: Wainnahu AAala thalika lashaheedun

Translation: Mu vy’ukuri na we nyene kuri ivyo, ni icabona.

100:8

وَإِنَّهُۥ لِحُبِّ ٱلۡخَيۡرِ لَشَدِيدٌ ﴿8﴾

Transliteration: Wainnahu lihubbi alkhayri lashadeedun

Translation: Mu vy’ukuri, umuntu mu gukunda amatungo ararengeje.

100:9

أَفَلَا يَعۡلَمُ إِذَا بُعۡثِرَ مَا فِي ٱلۡقُبُورِ ﴿9﴾

Transliteration: Afala yaAAlamu itha buAAthira ma fee alquboori

Translation: Mbega umuntu ntazi ibizoba bimurindiriye, igihe Imana Allah Yazuye abapfuye bava mu mva zabo kugira baharurirwe;

100:10

وَحُصِّلَ مَا فِي ٱلصُّدُورِ ﴿10﴾

Transliteration: Wahussila ma fee alssudoori

Translation: Hakanerekanwa n’ibiri mu mishaha (ivyiza canke ibibi)!

100:11

إِنَّ رَبَّهُم بِهِمۡ يَوۡمَئِذٖ لَّخَبِيرُۢ ﴿11﴾

Transliteration: Inna rabbahum bihim yawmaithin lakhabeerun

Translation: Mu vy’ukuri Imana yabo Rurema, kuri uwo musi, Irazi neza ivyo bakoze, nta na kimwe Iyobewe.

Transliteration source: English Transliteration by Tanzil. Used under Tanzil's non-commercial terms; see the source and latest updates at Tanzil. Tanzil translation download