أَلۡهَىٰكُمُ ٱلتَّكَاثُرُ ﴿1﴾أَلۡهَىٰكُمُ ٱلتَّكَاثُرُ
Transliteration: Alhakumu alttakathuru
Translation: Mwasamajwe n'ukwihaya ku bwinshi bw’amatungo n’ibibondo, muraheza mureka kugamburukira Imana Allah!
أَلۡهَىٰكُمُ ٱلتَّكَاثُرُ ﴿1﴾أَلۡهَىٰكُمُ ٱلتَّكَاثُرُ
Transliteration: Alhakumu alttakathuru
Translation: Mwasamajwe n'ukwihaya ku bwinshi bw’amatungo n’ibibondo, muraheza mureka kugamburukira Imana Allah!
حَتَّىٰ زُرۡتُمُ ٱلۡمَقَابِرَ ﴿2﴾حَتَّىٰ زُرۡتُمُ ٱلۡمَقَابِرَ
Transliteration: Hatta zurtumu almaqabira
Translation: Mugashishikara gusamazwa n’ivyo, gushika n’aho mushengereye mugahambwa mu mva.
كَلَّا سَوۡفَ تَعۡلَمُونَ ﴿3﴾كَلَّا سَوۡفَ تَعۡلَمُونَ
Transliteration: Kalla sawfa taAAlamoona
Translation: Nimuteshwe mute, murahumba! Ivyo ntibikwiye kubasamaza namba! Nimwikebuke, ubu vuba bwango muzomenya ko ubuzima bw’inyuma yo gupfa ari bwo bwiza kuri mwebwe.
ثُمَّ كَلَّا سَوۡفَ تَعۡلَمُونَ ﴿4﴾ثُمَّ كَلَّا سَوۡفَ تَعۡلَمُونَ
Transliteration: Thumma kalla sawfa taAAlamoona
Translation: Eka nimuteshwe mute, murahumba! Nimwikebuke, ubu vuba bwango muzomenya inkurikizi mbi z’ukutumvira Imana Allah.
كَلَّا لَوۡ تَعۡلَمُونَ عِلۡمَ ٱلۡيَقِينِ ﴿5﴾كَلَّا لَوۡ تَعۡلَمُونَ عِلۡمَ ٱلۡيَقِينِ
Transliteration: Kalla law taAAlamoona AAilma alyaqeeni
Translation: Eka nimuteshwe mute! Iyo mumenya vy’ukuri ibibafitiye akamaro, mworetse kwihaya ku vy’isi, mukihutira nyabuna gukora ivyiza.
لَتَرَوُنَّ ٱلۡجَحِيمَ ﴿6﴾لَتَرَوُنَّ ٱلۡجَحِيمَ
Transliteration: Latarawunna aljaheema
Translation: Ni ukuri muzobona umuriro ururumba.
ثُمَّ لَتَرَوُنَّهَا عَيۡنَ ٱلۡيَقِينِ ﴿7﴾ثُمَّ لَتَرَوُنَّهَا عَيۡنَ ٱلۡيَقِينِ
Transliteration: Thumma latarawunnaha AAayna alyaqeeni
Translation: Kandi ni ukuri, muzowubona ukuri kwamye.
ثُمَّ لَتُسۡـَٔلُنَّ يَوۡمَئِذٍ عَنِ ٱلنَّعِيمِ ﴿8﴾ثُمَّ لَتُسۡـَٔلُنَّ يَوۡمَئِذٍ عَنِ ٱلنَّعِيمِ
Transliteration: Thumma latusalunna yawmaithin AAani alnnaAAeemi
Translation: Hanyuma, ni ukuri kuri uwo musi w’impera, muzobazwa ku nema z’ubwoko bwose ico mwazikoresheje.
Transliteration source: English Transliteration by Tanzil. Used under Tanzil's non-commercial terms; see the source and latest updates at Tanzil. Tanzil translation download