quranm◉

Surah An-Nazi'at transliteration

◉ Sura · ∞

79:1

وَٱلنَّـٰزِعَٰتِ غَرۡقٗا ﴿1﴾

Transliteration: WaalnnaziAAati gharqan

Translation: Jewe Allah, Ndarahiye ku bamalayika bashikurana inguvu inkomoko y'ubuzima "Roho" mu mitima y’abagarariji!

79:2

وَٱلنَّـٰشِطَٰتِ نَشۡطٗا ﴿2﴾

Transliteration: Waalnnashitati nashtan

Translation: No ku bamalayika bakuramwo bukebuke mu bwitonzi inkomoko y'ubuzima "Roho" mu mitima y’abemeramana!

79:3

وَٱلسَّـٰبِحَٰتِ سَبۡحٗا ﴿3﴾

Transliteration: Waalssabihati sabhan

Translation: No ku bamalayika baguruka mu kirere banyaruka, bagana mw’ijuru canke bavayo!

79:4

فَٱلسَّـٰبِقَٰتِ سَبۡقٗا ﴿4﴾

Transliteration: Faalssabiqati sabqan

Translation: No ku bamalayika banyaragasa mu gushira mu ngiro amabwirizwa y’Imana Allah!

79:5

فَٱلۡمُدَبِّرَٰتِ أَمۡرٗا ﴿5﴾

Transliteration: Faalmudabbirati amran

Translation: No ku bamalayika batunganya mu bukerebutsi nta ngere, ivyo bategetswe gushira mu ngiro kw’isi!

79:6

يَوۡمَ تَرۡجُفُ ٱلرَّاجِفَةُ ﴿6﴾

Transliteration: Yawma tarjufu alrrajifatu

Translation: Nta nkeka rero ko muzozurwa mugaharurirwa, umusi isi n’imisozi bizonyiganyiga cane havugijwe inzamba ya mbere yo guhonya ibiremwa;

79:7

تَتۡبَعُهَا ٱلرَّادِفَةُ ﴿7﴾

Transliteration: TatbaAAuha alrradifatu

Translation: Hace hakurikira ivuzwa rya kabiri ry’inzamba y’izuka.

79:8

قُلُوبٞ يَوۡمَئِذٖ وَاجِفَةٌ ﴿8﴾

Transliteration: Quloobun yawmaithin wajifatun

Translation: Kuri uwo musi rero, imitima y’abagarariji izohinda agashitsi, yugarijwe n’ubwoba n’akantu.

79:9

أَبۡصَٰرُهَا خَٰشِعَةٞ ﴿9﴾

Transliteration: Absaruha khashiAAatun

Translation: Bazoba bijiriwe mu maso, bajumarariwe;

79:10

يَقُولُونَ أَءِنَّا لَمَرۡدُودُونَ فِي ٱلۡحَافِرَةِ ﴿10﴾

Transliteration: Yaqooloona ainna lamardoodoona fee alhafirati

Translation: Abahakana bivuye inyuma izuka ry'ibiremwa, bavuga batebura n'akantu bati: “Mbega, ni ivy’ukuri, tuzosubizwa ubuzima inyuma yo gupfa nk’uko twahora kw’isi!

79:11

أَءِذَا كُنَّا عِظَٰمٗا نَّخِرَةٗ ﴿11﴾

Transliteration: Aitha kunna AAithaman nakhiratan

Translation: Ubu nitwaba amagufa yabunzwe, tuzozuka koko!”.

79:12

قَالُواْ تِلۡكَ إِذٗا كَرَّةٌ خَاسِرَةٞ ﴿12﴾

Transliteration: Qaloo tilka ithan karratun khasiratun

Translation: Bazoheza bavuge bihebura bati: “Emwe! Iryo garuka ryacu rero, ni ryaba ari iry'ukuri, rizoba ari iry’agahombo”.

79:13

فَإِنَّمَا هِيَ زَجۡرَةٞ وَٰحِدَةٞ ﴿13﴾

Transliteration: Fainnama hiya zajratun wahidatun

Translation: Mu vy’ukuri, rizoba ivuzwa rimwe gusa ry’inzamba ya kabiri;

79:14

فَإِذَا هُم بِٱلسَّاهِرَةِ ﴿14﴾

Transliteration: Faitha hum bialssahirati

Translation: Maze bace bisanga ari bazima ku mugongo w’isi.

79:15

هَلۡ أَتَىٰكَ حَدِيثُ مُوسَىٰٓ ﴿15﴾

Transliteration: Hal ataka hadeethu moosa

Translation: Ntumwa y’Imana! Mbega, warashikiriwe n’inkuru ya Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah)!

79:16

إِذۡ نَادَىٰهُ رَبُّهُۥ بِٱلۡوَادِ ٱلۡمُقَدَّسِ طُوًى ﴿16﴾

Transliteration: Ith nadahu rabbuhu bialwadi almuqaddasi tuwan

Translation: Igihe Imana yiwe Rurema Allah Yamuhamagara ari mu kabande gatagatifu “Twuwa”, hambavu y’umusozi Sinayi.

79:17

ٱذۡهَبۡ إِلَىٰ فِرۡعَوۡنَ إِنَّهُۥ طَغَىٰ ﴿17﴾

Transliteration: Ithhab ila firAAawna innahu tagha

Translation: Maze Imubwira Iti: “Genda kwa Firawuni, mu vy’ukuri yarimonogoje mu buhakanyi;

79:18

فَقُلۡ هَل لَّكَ إِلَىٰٓ أَن تَزَكَّىٰ ﴿18﴾

Transliteration: Faqul hal laka ila an tazakka

Translation: Uheze umubwire uti: “Ubwo ntiwokwiyeza, ukemera Imana Imwe Rudende Allah!

79:19

وَأَهۡدِيَكَ إِلَىٰ رَبِّكَ فَتَخۡشَىٰ ﴿19﴾

Transliteration: Waahdiyaka ila rabbika fatakhsha

Translation: Maze nkakurongora mu nzira y’Imana yawe Rurema Allah, ugaheza ukayigamburukira””.

79:20

فَأَرَىٰهُ ٱلۡأٓيَةَ ٱلۡكُبۡرَىٰ ﴿20﴾

Transliteration: Faarahu alayata alkubra

Translation: Ni ho rero Musa yereka Firawuni igitangaro gihambaye co guhindura inkoni inzoka.

79:21

فَكَذَّبَ وَعَصَىٰ ﴿21﴾

Transliteration: Fakaththaba waAAasa

Translation: Firawuni ashoka ahakana yivuye inyuma Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah), aranagabitanya ku Mana Allah.

79:22

ثُمَّ أَدۡبَرَ يَسۡعَىٰ ﴿22﴾

Transliteration: Thumma adbara yasAAa

Translation: Hanyuma agenza umugongo yirengagiza ukwemera, abandanya ubwononyi bwo guhakana Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah).

79:23

فَحَشَرَ فَنَادَىٰ ﴿23﴾

Transliteration: Fahashara fanada

Translation: Ni ho Firawuni yakoranya abantu, arasemerera;

79:24

فَقَالَ أَنَا۠ رَبُّكُمُ ٱلۡأَعۡلَىٰ ﴿24﴾

Transliteration: Faqala ana rabbukumu alaAAla

Translation: Avuga ati: “Ni jewe imana yanyu iri hejuru ya vyose”.

79:25

فَأَخَذَهُ ٱللَّهُ نَكَالَ ٱلۡأٓخِرَةِ وَٱلۡأُولَىٰٓ ﴿25﴾

Transliteration: Faakhathahu Allahu nakala alakhirati waaloola

Translation: Maze Imana Allah Ica Iramwihora, Imuha ibihano vy’akarorero mu buzima bwo kw'isi, Ikazomuha n'ibihano vyo mu buzima bw’inyuma yo gupfa.

79:26

إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَعِبۡرَةٗ لِّمَن يَخۡشَىٰٓ ﴿26﴾

Transliteration: Inna fee thalika laAAibratan liman yakhsha

Translation: Mu vy’ukuri inyifato ya Firawuni n’ivyamushikiye, harimwo inkebuzo ku bantu batinya ibihano vy'Imana Allah.

79:27

ءَأَنتُمۡ أَشَدُّ خَلۡقًا أَمِ ٱلسَّمَآءُۚ بَنَىٰهَا ﴿27﴾

Transliteration: Aantum ashaddu khalqan ami alssamao banaha

Translation: Mbega bantu! Izurwa ryanyu, ni ryo ryoba rigoye cane kurusha; canke ukurema ijuru, Imana Allah Yubatse hejuru yanyu, ni co kigoye!

79:28

رَفَعَ سَمۡكَهَا فَسَوَّىٰهَا ﴿28﴾

Transliteration: RafaAAa samkaha fasawwaha

Translation: Yahanitse ikirere caryo, Iraheza Irariringaniza.

79:29

وَأَغۡطَشَ لَيۡلَهَا وَأَخۡرَجَ ضُحَىٰهَا ﴿29﴾

Transliteration: Waaghtasha laylaha waakhraja duhaha

Translation: Igira ijoro ryaryo umwijima iyo izuba rirenze, Ikabonesha umurango waryo iyo riserutse.

79:30

وَٱلۡأَرۡضَ بَعۡدَ ذَٰلِكَ دَحَىٰهَآ ﴿30﴾

Transliteration: Waalarda baAAda thalika dahaha

Translation: Inyuma y’ivyo, Yagura isi Irayisasa, Iyishiramwo ibintu vyose nkenerwa.

79:31

أَخۡرَجَ مِنۡهَا مَآءَهَا وَمَرۡعَىٰهَا ﴿31﴾

Transliteration: Akhraja minha maaha wamarAAaha

Translation: Iraserura amariba y’amazi yayo, Imeza n’uburagiro bw’ibitungwa.

79:32

وَٱلۡجِبَالَ أَرۡسَىٰهَا ﴿32﴾

Transliteration: Waaljibala arsaha

Translation: Imisozi na yo Irayishinga;

79:33

مَتَٰعٗا لَّكُمۡ وَلِأَنۡعَٰمِكُمۡ ﴿33﴾

Transliteration: MataAAan lakum walianAAamikum

Translation: Ivyo vyose Yabibaremeye, kugira muryoherwe mwebwe n’ibitungwa vyanyu[1], muvyikoreko.

79:34

فَإِذَا جَآءَتِ ٱلطَّآمَّةُ ٱلۡكُبۡرَىٰ ﴿34﴾

Transliteration: Faitha jaati alttammatu alkubra

Translation: Igihe haje rero ikiza nya kiza c’umusi w’izuka;

79:35

يَوۡمَ يَتَذَكَّرُ ٱلۡإِنسَٰنُ مَا سَعَىٰ ﴿35﴾

Transliteration: Yawma yatathakkaru alinsanu ma saAAa

Translation: Umusi umuntu azokwerekwa ivyo yakoze, aheze avyibuke, anavyemange;

79:36

وَبُرِّزَتِ ٱلۡجَحِيمُ لِمَن يَرَىٰ ﴿36﴾

Transliteration: Waburrizati aljaheemu liman yara

Translation: Umuriro ururumba ugashirwa ahabona;

79:37

فَأَمَّا مَن طَغَىٰ ﴿37﴾

Transliteration: Faamma man tagha

Translation: Uwo wese rero, yimonogoje mu buhakanyi;

79:38

وَءَاثَرَ ٱلۡحَيَوٰةَ ٱلدُّنۡيَا ﴿38﴾

Transliteration: Waathara alhayata alddunya

Translation: Agahitamwo ubuzima bwo kw’isi, akirengagiza ubuzima bw’inyuma yo gupfa;

79:39

فَإِنَّ ٱلۡجَحِيمَ هِيَ ٱلۡمَأۡوَىٰ ﴿39﴾

Transliteration: Fainna aljaheema hiya almawa

Translation: Mu vy’ukuri, umuriro ururumba wa Jahannamu, ni bwo bushikiro bwiwe.

79:40

وَأَمَّا مَنۡ خَافَ مَقَامَ رَبِّهِۦ وَنَهَى ٱلنَّفۡسَ عَنِ ٱلۡهَوَىٰ ﴿40﴾

Transliteration: Waama man khafa maqama rabbihi wanaha alnnafsa AAani alhawa

Translation: Nayo uwitwararitse kurengutswa imbere y’Imana yiwe Rurema Allah, akanareka gukora ivyo umutima wiwe wipfuza;

79:41

فَإِنَّ ٱلۡجَنَّةَ هِيَ ٱلۡمَأۡوَىٰ ﴿41﴾

Transliteration: Fainna aljannata hiya almawa

Translation: Mu vy’ukuri, Ubwami bw’ijuru ni ryo cumbi ryiwe.

79:42

يَسۡـَٔلُونَكَ عَنِ ٱلسَّاعَةِ أَيَّانَ مُرۡسَىٰهَا ﴿42﴾

Transliteration: Yasaloonaka AAani alssaAAati ayyana mursaha

Translation: Ntumwa y’Imana! Ababangikanyamana barakubaza igihe umuhero w’isi uzoberako!

79:43

فِيمَ أَنتَ مِن ذِكۡرَىٰهَآ ﴿43﴾

Transliteration: Feema anta min thikraha

Translation: Wewe, nta bumenyi bw’igihe uzoberako ufise.

79:44

إِلَىٰ رَبِّكَ مُنتَهَىٰهَآ ﴿44﴾

Transliteration: Ila rabbika muntahaha

Translation: Ubumenyi bwawo buri ku Mana yawe Rurema Allah.

79:45

إِنَّمَآ أَنتَ مُنذِرُ مَن يَخۡشَىٰهَا ﴿45﴾

Transliteration: Innama anta munthiru man yakhshaha

Translation: Wewe gusa, uri umugabisha w’uwutinya akitegurira uwo musi w’umuhero.

79:46

كَأَنَّهُمۡ يَوۡمَ يَرَوۡنَهَا لَمۡ يَلۡبَثُوٓاْ إِلَّا عَشِيَّةً أَوۡ ضُحَىٰهَا ﴿46﴾

Transliteration: Kaannahum yawma yarawnaha lam yalbathoo illa AAashiyyatan aw duhaha

Translation: Umusi bazowubona, bazomera nk’aho batigeze baba kw’isi, kiretse igihe kingana n’umuhingamo[2] canke umusase gusa[3].

Transliteration source: English Transliteration by Tanzil. Used under Tanzil's non-commercial terms; see the source and latest updates at Tanzil. Tanzil translation download