quranm◉

Surah At-Takwir transliteration

◉ Sura · ∞

81:1

إِذَا ٱلشَّمۡسُ كُوِّرَتۡ ﴿1﴾

Transliteration: Itha alshshamsu kuwwirat

Translation: Igihe izuba ryazingwazinzwe ntiribe rigisubira kwaka;

81:2

وَإِذَا ٱلنُّجُومُ ٱنكَدَرَتۡ ﴿2﴾

Transliteration: Waitha alnnujoomu inkadarat

Translation: Igihe n’inyenyeri zahungurutse ntizibe zigisubira kuboneka;

81:3

وَإِذَا ٱلۡجِبَالُ سُيِّرَتۡ ﴿3﴾

Transliteration: Waitha aljibalu suyyirat

Translation: Igihe n’imisozi yasunitswe igahoka;

81:4

وَإِذَا ٱلۡعِشَارُ عُطِّلَتۡ ﴿4﴾

Transliteration: Waitha alAAisharu AAuttilat

Translation: Igihe n’ingamiya zifise amezi zirengagijwe;

81:5

وَإِذَا ٱلۡوُحُوشُ حُشِرَتۡ ﴿5﴾

Transliteration: Waitha alwuhooshu hushirat

Translation: Igihe n’inyamaswa zegeranirijwe hamwe, kugira Imana Allah Ihorere izarenganijwe n’izindi;

81:6

وَإِذَا ٱلۡبِحَارُ سُجِّرَتۡ ﴿6﴾

Transliteration: Waitha albiharu sujjirat

Translation: Igihe n’ibiyaga vyakijwe umuriro bikarurumba;

81:7

وَإِذَا ٱلنُّفُوسُ زُوِّجَتۡ ﴿7﴾

Transliteration: Waitha alnnufoosu zuwwijat

Translation: Igihe n’imishaha yahujwe n’iyindi mishaha hari ico ihuriyeko;

81:8

وَإِذَا ٱلۡمَوۡءُۥدَةُ سُئِلَتۡ ﴿8﴾

Transliteration: Waitha almawoodatu suilat

Translation: Igihe n’umwigeme yahambwe abona yabajijwe ku musi w’izuka;

81:9

بِأَيِّ ذَنۢبٖ قُتِلَتۡ ﴿9﴾

Transliteration: Biayyi thanbin qutilat

Translation: Ku co yahowe, kigatuma yicwa mu guhambwa abona!

81:10

وَإِذَا ٱلصُّحُفُ نُشِرَتۡ ﴿10﴾

Transliteration: Waitha alssuhufu nushirat

Translation: Igihe n’ibitabu vy’ibikorwa vy’ibiremwa vyashizwe ahabona bikugururwa;

81:11

وَإِذَا ٱلسَّمَآءُ كُشِطَتۡ ﴿11﴾

Transliteration: Waitha alssamao kushitat

Translation: Igihe n’ijuru ryuguruwe rigakurwaho;

81:12

وَإِذَا ٱلۡجَحِيمُ سُعِّرَتۡ ﴿12﴾

Transliteration: Waitha aljaheemu suAAAAirat

Translation: Igihe n’umuriro wa Jahannamu wegenyejwe;

81:13

وَإِذَا ٱلۡجَنَّةُ أُزۡلِفَتۡ ﴿13﴾

Transliteration: Waitha aljannatu ozlifat

Translation: Igihe n’Ubwami bw’ijuru bwegerejwe abemeramana;

81:14

عَلِمَتۡ نَفۡسٞ مَّآ أَحۡضَرَتۡ ﴿14﴾

Transliteration: AAalimat nafsun ma ahdarat

Translation: Ivyo vyose nivyashika, umuntu wese rero azomenya ico yakoze; caba iciza canke ikibi.

81:15

فَلَآ أُقۡسِمُ بِٱلۡخُنَّسِ ﴿15﴾

Transliteration: Fala oqsimu bialkhunnasi

Translation: Jewe Allah, Ndarahiye ku nyenyeri zitaka ku murango!

81:16

ٱلۡجَوَارِ ٱلۡكُنَّسِ ﴿16﴾

Transliteration: Aljawari alkunnasi

Translation: Zigendera ahatabona mu nzira-ntasobwa zazo!

81:17

وَٱلَّيۡلِ إِذَا عَسۡعَسَ ﴿17﴾

Transliteration: Waallayli itha AAasAAasa

Translation: Ndarahiye kandi no kw’ijoro iyo bwije!

81:18

وَٱلصُّبۡحِ إِذَا تَنَفَّسَ ﴿18﴾

Transliteration: Waalssubhi itha tanaffasa

Translation: No ku gitondo iyo hakeye bugatamanzura!

81:19

إِنَّهُۥ لَقَوۡلُ رَسُولٖ كَرِيمٖ ﴿19﴾

Transliteration: Innahu laqawlu rasoolin kareemin

Translation: Ko mu vy’ukuri iyo Qor’ani, ari ijambo ry’Uhoraho Allah rishikirizwa n’Intumwa yubashwe (Umumalayika Jibrili);

81:20

ذِي قُوَّةٍ عِندَ ذِي ٱلۡعَرۡشِ مَكِينٖ ﴿20﴾

Transliteration: Thee quwwatin AAinda thee alAAarshi makeenin

Translation: Nyeninguvu n’ubushobozi bwo kwubahiriza amabwirizwa, afise icubahiro kinini imbere ya Nyenubuhangamo Allah;

81:21

مُّطَاعٖ ثَمَّ أَمِينٖ ﴿21﴾

Transliteration: MutaAAin thamma ameenin

Translation: Agamburukirwa n’abandi bamalayika, umwizigirwa mu guhishurira Intumwa.

81:22

وَمَا صَاحِبُكُم بِمَجۡنُونٖ ﴿22﴾

Transliteration: Wama sahibukum bimajnoonin

Translation: Umugenzi wanyu Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), si umusazi namba;

81:23

وَلَقَدۡ رَءَاهُ بِٱلۡأُفُقِ ٱلۡمُبِينِ ﴿23﴾

Transliteration: Walaqad raahu bialofuqi almubeeni

Translation: Mu vy’ukuri Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), yarabonye umumalayika Jibrili ukuri kwamye mu buseruko bw’i Makka[1];

81:24

وَمَا هُوَ عَلَى ٱلۡغَيۡبِ بِضَنِينٖ ﴿24﴾

Transliteration: Wama huwa AAala alghaybi bidaneenin

Translation: Kandi Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ntiyigungirako ijambo ry’Imana Allah;

81:25

وَمَا هُوَ بِقَوۡلِ شَيۡطَٰنٖ رَّجِيمٖ ﴿25﴾

Transliteration: Wama huwa biqawli shaytanin rajeemin

Translation: Kanatsinda, iyo Qor’ani si ijambo rya shetani yavumwe. Ahubwo ni ijambo ry’Imana Allah.

81:26

فَأَيۡنَ تَذۡهَبُونَ ﴿26﴾

Transliteration: Faayna tathhaboona

Translation: Mbega, mwebwe mugana hehe, mu guhakana Qor’ani inyuma y’ivyo vyemezo vyose?

81:27

إِنۡ هُوَ إِلَّا ذِكۡرٞ لِّلۡعَٰلَمِينَ ﴿27﴾

Transliteration: In huwa illa thikrun lilAAalameena

Translation: Iyo Qor’ani ntagatifu si ikindi, kiretse ko ari urwibutso ku bantu bose;

81:28

لِمَن شَآءَ مِنكُمۡ أَن يَسۡتَقِيمَ ﴿28﴾

Transliteration: Liman shaa minkum an yastaqeema

Translation: Kuri uwo wese muri mwebwe ashaka gutumbera inzira igororotse.

81:29

وَمَا تَشَآءُونَ إِلَّآ أَن يَشَآءَ ٱللَّهُ رَبُّ ٱلۡعَٰلَمِينَ ﴿29﴾

Transliteration: Wama tashaoona illa an yashaa Allahu rabbu alAAalameena

Translation: Kandi ntimuzoshaka kugororoka ngo mubishobore, kiretse igihe Imana Allah Ibishatse, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose.

Transliteration source: English Transliteration by Tanzil. Used under Tanzil's non-commercial terms; see the source and latest updates at Tanzil. Tanzil translation download