quranm◉

Surah At-Tariq transliteration

◉ Sura · ∞

86:1

وَٱلسَّمَآءِ وَٱلطَّارِقِ ﴿1﴾

Transliteration: Waalssamai waalttariqi

Translation: Jewe Allah, Ndarahiye kw’ijuru no ku giserukajoro!

86:2

وَمَآ أَدۡرَىٰكَ مَا ٱلطَّارِقُ ﴿2﴾

Transliteration: Wama adraka ma alttariqu

Translation: Ni igiki cokumenyesha ico ari co igiserukajoro?

86:3

ٱلنَّجۡمُ ٱلثَّاقِبُ ﴿3﴾

Transliteration: Alnnajmu alththaqibu

Translation: Ni inyenyeri yakaka.

86:4

إِن كُلُّ نَفۡسٖ لَّمَّا عَلَيۡهَا حَافِظٞ ﴿4﴾

Transliteration: In kullu nafsin lamma AAalayha hafithun

Translation: Ndarahiye kuri ivyo vyose, ko ata muntu n’umwe kiretse ko afise umubungabunzi azigama ibikorwa vyiwe mu bamalayika, kugira azobihemberwe!

86:5

فَلۡيَنظُرِ ٱلۡإِنسَٰنُ مِمَّ خُلِقَ ﴿5﴾

Transliteration: Falyanthuri alinsanu mimma khuliqa

Translation: Umuntu ahakana izuka ry’ibiremwa rero, niyitegereze ico yaremwemwo, aheze amenye ko izurwa ryiwe ritagoye nk’iremwa ryiwe!

86:6

خُلِقَ مِن مَّآءٖ دَافِقٖ ﴿6﴾

Transliteration: Khuliqa min main dafiqin

Translation: Yaremwe mu mazi y’intanga asunitswe mu gitereko;

86:7

يَخۡرُجُ مِنۢ بَيۡنِ ٱلصُّلۡبِ وَٱلتَّرَآئِبِ ﴿7﴾

Transliteration: Yakhruju min bayni alssulbi waalttaraibi

Translation: Avuye hagati y’uruti rw’umugongo w’umugabo n’igikiriza c’umugore.

86:8

إِنَّهُۥ عَلَىٰ رَجۡعِهِۦ لَقَادِرٞ ﴿8﴾

Transliteration: Innahu AAala rajAAihi laqadirun

Translation: Mu vy’ukuri Imana Allah Yaremye umuntu mu mazi y’intanga, Irashoboye no kumugarura inyuma yo gupfa Ikamusubiza ubuzima, akazuka.

86:9

يَوۡمَ تُبۡلَى ٱلسَّرَآئِرُ ﴿9﴾

Transliteration: Yawma tubla alssarairu

Translation: Umusi amabanga azoshirwa ahabona, ivyiza bikamenyekana n’ibibi bikagaragara;

86:10

فَمَا لَهُۥ مِن قُوَّةٖ وَلَا نَاصِرٖ ﴿10﴾

Transliteration: Fama lahu min quwwatin wala nasirin

Translation: Umuntu nta bubasha azoba afise bwo kwikingira ibihano, eka nta n’umutabazi amukura mu bihano azoronka.

86:11

وَٱلسَّمَآءِ ذَاتِ ٱلرَّجۡعِ ﴿11﴾

Transliteration: Waalssamai thati alrrajAAi

Translation: Jewe Allah, Ndarahiye kw’ijuru ryenimvura yisubiriza iyo amazi kw’isi ayaze agasubira mu kirere!

86:12

وَٱلۡأَرۡضِ ذَاتِ ٱلصَّدۡعِ ﴿12﴾

Transliteration: Waalardi thati alssadAAi

Translation: No kw’isi yiyata imigaga iyo ibiterwa bigondoye!

86:13

إِنَّهُۥ لَقَوۡلٞ فَصۡلٞ ﴿13﴾

Transliteration: Innahu laqawlun faslun

Translation: Ko mu vy’ukuri, iyo Qor’ani ari amajambo atandukanya ukuri n’ikinyoma;

86:14

وَمَا هُوَ بِٱلۡهَزۡلِ ﴿14﴾

Transliteration: Wama huwa bialhazli

Translation: Si n’iyo kujajura.

86:15

إِنَّهُمۡ يَكِيدُونَ كَيۡدٗا ﴿15﴾

Transliteration: Innahum yakeedoona kaydan

Translation: Mu vy’ukuri, abahakana Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) hamwe na Qor’ani, bakoresha urwenge mu kurwanya ukuri.

86:16

وَأَكِيدُ كَيۡدٗا ﴿16﴾

Transliteration: Waakeedu kaydan

Translation: Nanje Allah Nkabahinyura mu kugaragaza ukuri gushika aho gutsinda.

86:17

فَمَهِّلِ ٱلۡكَٰفِرِينَ أَمۡهِلۡهُمۡ رُوَيۡدَۢا ﴿17﴾

Transliteration: Famahhili alkafireena amhilhum ruwaydan

Translation: Ntumwa y’Imana! Kubera ivyo rero, tenyenyera abagarariji, ntiwihutire kubasabira ibihano, bihorere ubarindire gato, bazokwibonerako bidatevye.

Transliteration source: English Transliteration by Tanzil. Used under Tanzil's non-commercial terms; see the source and latest updates at Tanzil. Tanzil translation download