quranm◉

Surah Al-Muddaththir transliteration

◉ Sura · ∞

74:1

يَـٰٓأَيُّهَا ٱلۡمُدَّثِّرُ ﴿1﴾

Transliteration: Ya ayyuha almuddaththiru

Translation: Ewe wipfutse impuzu!

74:2

قُمۡ فَأَنذِرۡ ﴿2﴾

Transliteration: Qum faanthir

Translation: Haguruka ugabishe abantu ku bihano vy’Imana Allah;

74:3

وَرَبَّكَ فَكَبِّرۡ ﴿3﴾

Transliteration: Warabbaka fakabbir

Translation: Ninahaza wongere ukuze n’Imana yawe Rurema Allah, mu kuyiyegereza mu vyo ukora vyose;

74:4

وَثِيَابَكَ فَطَهِّرۡ ﴿4﴾

Transliteration: Wathiyabaka fatahhir

Translation: Sukura n’impuzu zawe ibihumanya kuko isuku ry’ibiboneka riranga isuku ry’umushaha n’ibitaboneka;

74:5

وَٱلرُّجۡزَ فَٱهۡجُرۡ ﴿5﴾

Transliteration: Waalrrujza faohjur

Translation: Bandanya witandukanye n’ibigirwamana vyose ntukavyegere;

74:6

وَلَا تَمۡنُن تَسۡتَكۡثِرُ ﴿6﴾

Transliteration: Wala tamnun tastakthiru

Translation: Kandi ntugatange uzeye gusubirizwa mu ndumane umurengera;

74:7

وَلِرَبِّكَ فَٱصۡبِرۡ ﴿7﴾

Transliteration: Walirabbika faisbir

Translation: Kubera ugushimwa n’Imana yawe Rurema Allah, niwihanganire ishira mu ngiro ry’amabwirizwa yayo.

74:8

فَإِذَا نُقِرَ فِي ٱلنَّاقُورِ ﴿8﴾

Transliteration: Faitha nuqira fee alnnaqoori

Translation: Nihavuzwa inzamba ya kabiri yo kuzuka;

74:9

فَذَٰلِكَ يَوۡمَئِذٖ يَوۡمٌ عَسِيرٌ ﴿9﴾

Transliteration: Fathalika yawmaithin yawmun AAaseerun

Translation: Uwo musi, ni wo uzoba uremereye cane ku bagarariji;

74:10

عَلَى ٱلۡكَٰفِرِينَ غَيۡرُ يَسِيرٖ ﴿10﴾

Transliteration: AAala alkafireena ghayru yaseerin

Translation: Ntuzoborohera na gato kubera ibibazo vy’iharurirwa.

74:11

ذَرۡنِي وَمَنۡ خَلَقۡتُ وَحِيدٗا ﴿11﴾

Transliteration: Tharnee waman khalaqtu waheedan

Translation: Ntumwa y’Imana! Ndekera Jewe Allah, uwo Naremye mu nda ya nyina ari wenyene, ata matungo ata n’abana yavukanye;

74:12

وَجَعَلۡتُ لَهُۥ مَالٗا مَّمۡدُودٗا ﴿12﴾

Transliteration: WajaAAaltu lahu malan mamdoodan

Translation: Ndaheza Ndamuha amatungo menshi amaze kuvuka;

74:13

وَبَنِينَ شُهُودٗا ﴿13﴾

Transliteration: Wabaneena shuhoodan

Translation: N’abana bama hambavu yiwe i Makka;

74:14

وَمَهَّدتُّ لَهُۥ تَمۡهِيدٗا ﴿14﴾

Transliteration: Wamahhadtu lahu tamheedan

Translation: Ndamworohereza no mu buzima bw’isi, Ndamuhesha n’icubahiro;

74:15

ثُمَّ يَطۡمَعُ أَنۡ أَزِيدَ ﴿15﴾

Transliteration: Thumma yatmaAAu an azeeda

Translation: Hanyuma akipfuza ko Nomwongerereza ku vyo afise, kandi yarangararije!

74:16

كَلَّآۖ إِنَّهُۥ كَانَ لِأٓيَٰتِنَا عَنِيدٗا ﴿16﴾

Transliteration: Kalla innahu kana liayatina AAaneedan

Translation: Eka, nateshwe ate, arahumba! Mu vy’ukuri, ni umuntu yama yarwanije Aayah n’ivyemezo vyacu;

74:17

سَأُرۡهِقُهُۥ صَعُودًا ﴿17﴾

Transliteration: Saorhiquhu saAAoodan

Translation: Nzomuha ibihano bikomakomeye cane ata gahengwe[1].

74:18

إِنَّهُۥ فَكَّرَ وَقَدَّرَ ﴿18﴾

Transliteration: Innahu fakkara waqaddara

Translation: Mu vy’ukuri, yaricaye ariyumvira ico yotegekanya, kugira atyoze Qor’ani n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).

74:19

فَقُتِلَ كَيۡفَ قَدَّرَ ﴿19﴾

Transliteration: Faqutila kayfa qaddara

Translation: Nyakuvumwa n’Imana Allah! Ukuntu yategekanije iryo tyoza!

74:20

ثُمَّ قُتِلَ كَيۡفَ قَدَّرَ ﴿20﴾

Transliteration: Thumma qutila kayfa qaddara

Translation: Hanyuma, nyakuvumwa n’Imana Allah! Ukuntu yategekanije iryo tyoza!

74:21

ثُمَّ نَظَرَ ﴿21﴾

Transliteration: Thumma nathara

Translation: Hanyuma arihweza ico yovuga mu gutyoza Qor’ani n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah);

74:22

ثُمَّ عَبَسَ وَبَسَرَ ﴿22﴾

Transliteration: Thumma AAabasa wabasara

Translation: Araheza arijirirwa mu maso, aranyinyirwa kuko atorohewe kuronka ico yovuga.

74:23

ثُمَّ أَدۡبَرَ وَٱسۡتَكۡبَرَ ﴿23﴾

Transliteration: Thumma adbara waistakbara

Translation: Hanyuma arirengagiza ukuri n’amanyama menshi ku bwishime;

74:24

فَقَالَ إِنۡ هَٰذَآ إِلَّا سِحۡرٞ يُؤۡثَرُ ﴿24﴾

Transliteration: Faqala in hatha illa sihrun yutharu

Translation: Aca avuga atyoza Qor’ani ati: “Iyi Qor’ani si ikindi, kiretse ko ari uburozi, Muhamadi yarazwe n’ab’aho hambere;

74:25

إِنۡ هَٰذَآ إِلَّا قَوۡلُ ٱلۡبَشَرِ ﴿25﴾

Transliteration: In hatha illa qawlu albashari

Translation: Mu vy’ukuri Qor’ani si ikindi, kiretse ko ari amajambo yabuye ku bantu b’abakurambere, araheza ayitirira Imana”.

74:26

سَأُصۡلِيهِ سَقَرَ ﴿26﴾

Transliteration: Saosleehi saqara

Translation: Jewe Allah, Nzomuta mu muriro ubabura.

74:27

وَمَآ أَدۡرَىٰكَ مَا سَقَرُ ﴿27﴾

Transliteration: Wama adraka ma saqaru

Translation: Mbega ni igiki cokumenyesha uwo muriro ubabura ico ari co?

74:28

لَا تُبۡقِي وَلَا تَذَرُ ﴿28﴾

Transliteration: La tubqee wala tatharu

Translation: Nta co usigaza utakirigise, nta n’ico urekura ngo gicaruke;

74:29

لَوَّاحَةٞ لِّلۡبَشَرِ ﴿29﴾

Transliteration: Lawwahatun lilbashari

Translation: Ubabura urukoba rw’umubiri mu kanya isase;

74:30

عَلَيۡهَا تِسۡعَةَ عَشَرَ ﴿30﴾

Transliteration: AAalayha tisAAata AAashara

Translation: Ucungerewe n’abamalayika b’ibihangange cumi n’icenda, bakaba ari na bo bajejwe guhana.

74:31

وَمَا جَعَلۡنَآ أَصۡحَٰبَ ٱلنَّارِ إِلَّا مَلَـٰٓئِكَةٗۖ وَمَا جَعَلۡنَا عِدَّتَهُمۡ إِلَّا فِتۡنَةٗ لِّلَّذِينَ كَفَرُواْ لِيَسۡتَيۡقِنَ ٱلَّذِينَ أُوتُواْ ٱلۡكِتَٰبَ وَيَزۡدَادَ ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ إِيمَٰنٗا وَلَا يَرۡتَابَ ٱلَّذِينَ أُوتُواْ ٱلۡكِتَٰبَ وَٱلۡمُؤۡمِنُونَ وَلِيَقُولَ ٱلَّذِينَ فِي قُلُوبِهِم مَّرَضٞ وَٱلۡكَٰفِرُونَ مَاذَآ أَرَادَ ٱللَّهُ بِهَٰذَا مَثَلٗاۚ كَذَٰلِكَ يُضِلُّ ٱللَّهُ مَن يَشَآءُ وَيَهۡدِي مَن يَشَآءُۚ وَمَا يَعۡلَمُ جُنُودَ رَبِّكَ إِلَّا هُوَۚ وَمَا هِيَ إِلَّا ذِكۡرَىٰ لِلۡبَشَرِ ﴿31﴾

Transliteration: Wama jaAAalna ashaba alnnari illa malaikatan wama jaAAalna AAiddatahum illa fitnatan lillatheena kafaroo liyastayqina allatheena ootoo alkitaba wayazdada allatheena amanoo eemanan wala yartaba allatheena ootoo alkitaba waalmuminoona waliyaqoola allatheena fee quloobihim maradun waalkafiroona matha arada Allahu bihatha mathalan kathalika yudillu Allahu man yashao wayahdee man yashao wama yaAAlamu junooda rabbika illa huwa wama hiya illa thikra lilbashari

Translation: Twebwe Allah, ntitwashizeho abacungera uwo muriro, atari abamalayika b’ibihangange. Ntitwanagize ico gitigiri cabo, atari ukugira ngo kibe ikigeragezo ku bagarariji; kugira n’abahawe Igitabu bamenye ko Qor’ani ari ukuri; no kugira ngo ukwemera kw’abemera Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, kwiyongere; no kugira ngo abahawe Igitabu n’abemeramana ntibasubire gukekeranya mw’idini ku vyerekeye igitigiri c’abamalayika bacungereye Jahannamu[2]; no kugira ngo abafise indwara y’uburyarya mu mitima yabo n’abagarariji, bavuge batangara bati: “Mbega, Imana Allah Yashatse kuvuga iki mu gutanga aka karorero k’igitigiri c’abamalayika bacungereye umuriro!”. Ni nk’ukwo nyene rero Imana Allah, Ihubisha uwo Ishatse kuko yahisemwo uguhakana, Ikarongora mu nzira yayo uwo Ishatse, kuko yahisemwo ukwemera. Nta n’umwe rero azi igitigiri c’ingabo z’Imana yawe Rurema Allah uko kingana, atari Yo Yonyene ubwayo, kanatsinda uwo muriro wa Jahannamu si ikindi, kiretse ko ari urwibutso ku bantu.

74:32

كَلَّا وَٱلۡقَمَرِ ﴿32﴾

Transliteration: Kalla waalqamari

Translation: Eka nibateshwe bate, barahumba! Si uko bahakanye Intumwa na Qor’ani! Jewe Allah, Ndarahiye ku kwezi!

74:33

وَٱلَّيۡلِ إِذۡ أَدۡبَرَ ﴿33﴾

Transliteration: Waallayli ith adbara

Translation: No kw’ijoro iyo bwije hakijima!

74:34

وَٱلصُّبۡحِ إِذَآ أَسۡفَرَ ﴿34﴾

Transliteration: Waalssubhi itha asfara

Translation: No ku gitondo iyo hakeye bugatamanzura!

74:35

إِنَّهَا لَإِحۡدَى ٱلۡكُبَرِ ﴿35﴾

Transliteration: Innaha laihda alkubari

Translation: Ko mu vy’ukuri uwo muriro wa Jahannamu, ari kimwe mu ntureka zihambaye!

74:36

نَذِيرٗا لِّلۡبَشَرِ ﴿36﴾

Transliteration: Natheeran lilbashari

Translation: Kugira ngo habe igabishwa ry’abantu ku bihano vy’Imana Allah;

74:37

لِمَن شَآءَ مِنكُمۡ أَن يَتَقَدَّمَ أَوۡ يَتَأَخَّرَ ﴿37﴾

Transliteration: Liman shaa minkum an yataqaddama aw yataakhkhara

Translation: Ku wo ari we wese muri mwebwe ashaka gutera intambwe mu kwemera, canke ashaka gutera asubira inyuma mu buhakanyi.

74:38

كُلُّ نَفۡسِۭ بِمَا كَسَبَتۡ رَهِينَةٌ ﴿38﴾

Transliteration: Kullu nafsin bima kasabat raheenatun

Translation: Umuntu wese rero azogirwa ingwati ku vyo yakoze, ntazobohorwa kiretse mu gihe yoba yakoze ibitunganye canke ahanwe;

74:39

إِلَّآ أَصۡحَٰبَ ٱلۡيَمِينِ ﴿39﴾

Transliteration: Illa ashaba alyameeni

Translation: Havuyemwo gusa abantu b’iburyo, bazohabwa ibitabu vy’ibikorwa vyabo mu minwe yabo y’iburyo.

74:40

فِي جَنَّـٰتٖ يَتَسَآءَلُونَ ﴿40﴾

Transliteration: Fee jannatin yatasaaloona

Translation: Abo rero, ni bo bazoba bari mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, babazanya;

74:41

عَنِ ٱلۡمُجۡرِمِينَ ﴿41﴾

Transliteration: AAani almujrimeena

Translation: Ukuntu abanyavyaha bamerewe.

74:42

مَا سَلَكَكُمۡ فِي سَقَرَ ﴿42﴾

Transliteration: Ma salakakum fee saqara

Translation: Bazobabaza bati: “Mbega, ni igiki catumye mwinjira mu muriro ubabura wama wegenyejwe?”.

74:43

قَالُواْ لَمۡ نَكُ مِنَ ٱلۡمُصَلِّينَ ﴿43﴾

Transliteration: Qaloo lam naku mina almusalleena

Translation: Na bo bazobishura bati: “Tukiri kw’isi, ntitwari mu basenga amasengesho-bwirizwa;

74:44

وَلَمۡ نَكُ نُطۡعِمُ ٱلۡمِسۡكِينَ ﴿44﴾

Transliteration: Walam naku nutAAimu almiskeena

Translation: Ntitwigeze tunafungurira abakene;

74:45

وَكُنَّا نَخُوضُ مَعَ ٱلۡخَآئِضِينَ ﴿45﴾

Transliteration: Wakunna nakhoodu maAAa alkhaideena

Translation: Twahora dukora n’ivyaha hamwe n’abanyavyaha;

74:46

وَكُنَّا نُكَذِّبُ بِيَوۡمِ ٱلدِّينِ ﴿46﴾

Transliteration: Wakunna nukaththibu biyawmi alddeeni

Translation: Twahora tunahakana ko ata n’umusi w’impera uriho;

74:47

حَتَّىٰٓ أَتَىٰنَا ٱلۡيَقِينُ ﴿47﴾

Transliteration: Hatta atana alyaqeenu

Translation: Kugeza n’aho dushikiriwe n’urupfu, tukiri nk’uko turi”.

74:48

فَمَا تَنفَعُهُمۡ شَفَٰعَةُ ٱلشَّـٰفِعِينَ ﴿48﴾

Transliteration: Fama tanfaAAuhum shafaAAatu alshshafiAAeena

Translation: Kuri uwo musi rero, ivugira ry’abavugira abandi[3] nta co rizobamarira namba.

74:49

فَمَا لَهُمۡ عَنِ ٱلتَّذۡكِرَةِ مُعۡرِضِينَ ﴿49﴾

Transliteration: Fama lahum AAani alttathkirati muAArideena

Translation: Mbega bafashwe n’iki, ko birengagiza kwibutswa n’iyo Qor’ani!

74:50

كَأَنَّهُمۡ حُمُرٞ مُّسۡتَنفِرَةٞ ﴿50﴾

Transliteration: Kaannahum humurun mustanfiratun

Translation: Wogira ngo ni imparage zivudutse zitekewe n’ubwoba;

74:51

فَرَّتۡ مِن قَسۡوَرَةِۭ ﴿51﴾

Transliteration: Farrat min qaswaratin

Translation: Zihunze intambwe.

74:52

بَلۡ يُرِيدُ كُلُّ ٱمۡرِيٕٖ مِّنۡهُمۡ أَن يُؤۡتَىٰ صُحُفٗا مُّنَشَّرَةٗ ﴿52﴾

Transliteration: Bal yureedu kullu imriin minhum an yuta suhufan munashsharatan

Translation: Ahubwo umwe wese muri bo, agomba ko yohabwa Igitabu ciwe bwite, cemeza ko wewe uri Intumwa y’Imana.

74:53

كَلَّاۖ بَل لَّا يَخَافُونَ ٱلۡأٓخِرَةَ ﴿53﴾

Transliteration: Kalla bal la yakhafoona alakhirata

Translation: Eka nibateshwe bate, barahumba! Si nk’uko bibaza namba, ahubwo ntibatinya ibihano vyo mu buzima bw'inyuma yo gupfa n’iharurirwa, ngo baheze bavyitegurire.

74:54

كَلَّآ إِنَّهُۥ تَذۡكِرَةٞ ﴿54﴾

Transliteration: Kalla innahu tathkiratun

Translation: Eka, nibateshwe bate, barahumba! Mu vy’ukuri iyo Qor’ani, ni urwibutso rukwiye ku wushaka kwibuka.

74:55

فَمَن شَآءَ ذَكَرَهُۥ ﴿55﴾

Transliteration: Faman shaa thakarahu

Translation: Uwo wese rero ashaka kunyurwa n’iyo Qor’ani, aranyurwa.

74:56

وَمَا يَذۡكُرُونَ إِلَّآ أَن يَشَآءَ ٱللَّهُۚ هُوَ أَهۡلُ ٱلتَّقۡوَىٰ وَأَهۡلُ ٱلۡمَغۡفِرَةِ ﴿56﴾

Transliteration: Wama yathkuroona illa an yashaa Allahu huwa ahlu alttaqwa waahlu almaghfirati

Translation: Ntibazonyurwa atari uko Imana Allah Ibishatse. Ni Yo Nyenugutinywa Ikagamburukirwa, ni na Yo Nyenimbabazi.

Transliteration source: English Transliteration by Tanzil. Used under Tanzil's non-commercial terms; see the source and latest updates at Tanzil. Tanzil translation download